ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 1/15 rup. 6
  • Inyishu wosuzuma

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu wosuzuma
  • Be maso!—2015
  • Ivyo bijanye
  • Ubuzima bwabayeho gute?
    Ibindi biganiro
  • Ivyabona vya Yehova boba bemera ko isi yoba yaremwe mu misi itandatu y’amasaha 24?
    Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Ubuzima bwabayeho gute?
    Be maso!—2015
  • Ivyo Bibiliya itubwira
    Be maso!—2021
Ibindi
Be maso!—2015
g 1/15 rup. 6
Bibiliya izinguruye

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | UBUZIMA BWABAYEHO GUTE?

Inyishu wosuzuma

ABANTU benshi bamaze kwihweza ibimenyamenya, bashika ku ciyumviro c’uko ubuzima bwashizweho n’uwufise ubwenge burengeye ubw’abantu. Raba nk’akarorero ivyerekeye umwigisha wa filozofiya yitwa Antony Flew yahoze ari umuhakanamana akomeye. Igihe yamenya ukuntu ibifise ubuzima bikozwe mu buryo buhanitse rwose, akamenya n’ivyerekeye amategeko agenga ibiri mu kirere, yarahinduye ivyiyumviro. Yarasubiyemwo amajambo yavuzwe n’abafilozofe ba kera, ati: “Dutegerezwa gushira aho ibimenyamenya bishize.” Uwo mwigisha Flew yabona ko ibimenyamenya vyerekana yuko hariho Umuremyi.

Gerard, umwe twavuga muri uru rukurikirane rw’ibiganiro, na we nyene yashitse kuri ico ciyumviro. Naho yize amashure menshi akaba n’umuhinga mu bijanye n’udukoko tuguruka, yavuze ati: “Nta kimenyamenya na kimwe nabonye cemeza ko ubuzima bwapfuye kwiyadukiza buvuye ku bintu bidafise ubuzima. Ndavye ukuntu ibifise ubuzima bikozwe mu buryo buhanitse kandi burimwo urutonde, narajijutse yuko hategerezwa kuba hariho Umuremyi yabiteguye akongera akabitunganya.”

Nk’uko nyene umuntu ashobora kumenya ivyerekeye umuhinguzi w’utugenegene mu kwihweza utugenegene yahinguye, ni ko na Gerard yahavuye amenya ingene Umuremyi ameze mu kwihweza ibintu yaremye. Gerard yarafashe n’umwanya wo gusuzuma igitabu cahumetswe n’Umuremyi, ari co Bibiliya. (2 Timoteyo 3:16) Bibiliya yaramufashije kuronka inyishu zimushika ku nyota z’ibibazo yibaza ku bijanye na kahise k’abantu, iramufasha no kubona umuti w’ingorane zihanze abantu muri iki gihe. Ivyo vyatumye ajijuka yuko Bibiliya na yo nyene yakomotse ku wufise ubwenge burengeye ubw’umuntu.

Nk’uko na Gerard yavyiboneye, inyishu Bibiliya itanga ni ngirakamaro. Tukuremesheje kuzisuzumira.

Wari ubizi?

BIBILIYA YOBA IRWANYA SIYANSI? Habe namba. Ahubwo iremesha abantu kwihweza ivyaremwe. (Yesaya 40:26) Naho Bibiliya atari igitabu c’ivya siyansi, ivyo ivuga birahuza n’ibintu vy’ukuri siyansi ivuga. Nk’akarorero, Bibiliya ntishigikira inyigisho y’uko isi n’ijuru vyaremwe mu misi itandatu y’amasaha 24. Ijambo “umusi” dusanga mu gitabu c’Itanguriro, risobanura ibiringo bimara igihe kirekire.a

a Wipfuza ayandi makuru, raba agatabu Vyoba vyararemwe? kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.Urashobora kukaronka kuri www.jw.org.

Bibiliya yigisha yuko . . .

UBUZIMA BUVA KU KINTU GISANZWE GIFISE UBUZIMA. Ivuga iti: “Iwawe [Mana ni] ho hari isôko ry’ubuzima.”​—Zaburi 36:9.

IMANA YAREMYE IBIKOKO N’IBIMERA “NK’UKO UBWOKO BWAVYO BURI.” (Itanguriro 1:11, 12, 21, 24, 25) Bibiliya ntivuga ido n’ido ibiranga ubwo “bwoko” butandukanye. Ivyo bituma buri bwoko bushobora kubamwo amoko matomato atandukanye.

IMANA YAREMANYE ABANTU UBUSHOBOZI BWO KUGARAGAZA KAMERE NK’IZAYO. Muri izo kamere twovuga urukundo, ukumera neza n’ubutungane. “Imana yongera kuvuga iti: ‘Tureme umuntu mw’ishusho yacu, nk’uko dusa.’”​—Itanguriro 1:26.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika