ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 1/15 rup. 3
  • Ubuzima bwabayeho gute?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubuzima bwabayeho gute?
  • Be maso!—2015
  • Ivyo bijanye
  • Ubuzima bwabayeho gute?
    Ibindi biganiro
  • Inyigisho y’ivy’Ihindagurika Yoba Ihuza na Bibiliya?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Twoba twavuye mu nguge?
    Inyishu z’ibibazo 10 urwaruka rwibaza
Be maso!—2015
g 1/15 rup. 3
Icuma rugagamisha

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ubuzima bwabayeho gute?

Heraheza:

UBUZIMA BWABAYEHO․․․․․․․.

  1. BICIYE KW’IHINDAGURIKA

  2. BICIYE KW’IREMA

HARI abokwiyumvira yuko abisunga ivya siyansi bovuga ko ubuzima bwabayeho “biciye kw’ihindagurika,” abisunga ivy’Imana na bo bakavuga ko bwabayeho “biciye kw’irema.”

Ariko si ko vyama.

Mu bisanzwe abantu benshi bize, harimwo n’abahinga batari bake, ntibemera iyo nyigisho y’ihindagurika.

Iyumvire nk’akarorero ivyerekeye Gerard, umuhinga mu bijanye n’udukoko tuguruka. Kuri kaminuza, yarize ivyerekeye ihindagurika. Avuga ati: “Igihe twaba turiko turakora ibibazo, abatwigisha ivy’ihindagurika nabishura ivyo bashaka ko twishura, ariko sinemera ivy’ihindagurika.”

Kubera iki none n’abantu bamwebamwe bisunga ivya siyansi bibagora kwemera yuko ubuzima bwabayeho biciye kw’ihindagurika? Kugira twishure ico kibazo, reka duce irya n’ino ibibazo bibiri bigishusha umutwe abashakashatsi benshi: (1) Ubuzima bwatanguye gute? (2) Vyagenze gute ngo ibinyabuzima bitandukanye bibeho?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika