ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 10/13 rup. 8-11
  • Ibintu bitatu amahera adashobora kugura

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibintu bitatu amahera adashobora kugura
  • Be maso!—2013
  • Ivyo bijanye
  • Ingene ukwiye kubona amahera
    Be maso!—2015
  • Amahera yoba ari umuzi w’ibibi vyose?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ingene mwokoresha neza amahera
    Urugo rwanyu rurashobora kugira agahimbare
  • Amahera
    Be maso!—2014
Ibindi
Be maso!—2013
g 10/13 rup. 8-11

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ibintu bitatu amahera adashobora kugura

HARI ikintu gisa n’igitwengeje: N’igihe abantu baba bazi ko bashobora gukurwa mu kazi, gutakaza inzu yabo canke mbere amahera yabo ya pansiyo, benshi muri bo usanga bahahamira ibintu vyose amahera ashobora kugura.

Abahayanisha ibidandazwa usanga barondera canecane abantu mwene abo. Baturyosharyosha batubwira ko dutegerezwa kwironsa inzu niniya kuruta, umuduga mwiza kuruta, canke impuzu z’agaharawe. Udafise amahera na ho, bakubwira bati: ‘Nta ngorane urashobora gufata ideni!’ Abantu benshi usanga barondera kuboneka ko batunze naho baba barembejwe n’amadeni.

Ariko bitebe bitebuke, ukwo kwiyerekana uko batari kurateba kugahera. Igitabu kimwe (The Narcissism Epidemic) kivuga giti: “Kugura kw’ideni ibintu bisayangana kugira ngo wumve canke uboneke ko uhambaye ni nko kunywa ikiyayuramutwe kugira ngo wumve ko umerewe neza. Ivyo bintu uko ari bibiri usanga mu ntango bituma ushika ku co wipfuza kandi ntibitware uburyo bwinshi; ariko bimara umwanya urume rumara. Ariko amaherezo, bigusiga utagira n’urwasha kandi utuntuye.”

Bibiliya irerekana ko “guhaya uburyo umuntu afise bwo kwibeshaho” ari ubupfu. (1 Yohani 2:16) Mu vy’ukuri, guhahamira amatungo biratubuza kwitwararika ibintu bihambaye cane mu buzima, ibintu amahera adashobora kugura. Reka turabe bitatu muri vyo.

1. UBUMWE MU MURYANGO

Umwigeme umwe w’umuyabaga wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yitwa Brianne,a abona ko se wiwe arenza urugero mu kuntu yitwararika akazi be n’amahera kamuronsa. Avuga ati: “Dufise ibirenze n’ivyo dukeneye, mugabo dawe ntiyigera arangwa muhira kubera ko yama yafashe ingendo. Ndatahura ko abigira kubera akazi, ariko nibaza ko yategerezwa no kwitaho ibanga afise ryo kwitwararika umuryango wiwe!”

Zirikana: Ni ibiki se wa Brianne ashobora kuzohava yicuza? Kuba ashira imbere amatungo biriko bigira ingaruka izihe ku bucuti afitaniye n’umukobwa wiwe? Ni ibiki umuryango wiwe umukeneyeko bisumba amahera?

Ivyiyumviro vyo muri Bibiliya wozirikanako:

  • “Inyanduruko y’ibibi vyose n’inambu y’ifaranga; kuko ari vyo bîshînga, bamwe . . . bisutse bo nyene mu marushwa menshi.”​—1 Timote 6:10, Ubwuzure Bushasha.

  • “Wopfuma ufungura imboga uri kumwe n’abo ukunda hako ufungurira inyama nzizanziza ahari urwanko.”​—Imigani 15:17, Good News Translation.

Muri make: Amahera ntashobora kugura ubumwe bwo mu muryango. Kumarana umwanya n’abagize umuryango wawe, ukabagaragariza urukundo ukongera ukabitaho bihagije ni vyo vyonyene bishobora gutuma mu muryango wawe haba ubumwe.​—Abakolosayi 3:18-21.

2. UGUTEKANIRWA NYAKURI

Umwigeme w’imyaka 17 yitwa Sarah avuga ati: “Mawe aguma ambwira yuko ntegerezwa kwubakana n’umugabo afise amahera menshi nkongera nkiga umwuga kugira ngo nze ndonke ukuntu nitunga biramutse bigenze nabi. Womenga nta kindi yiyumvira atari ingene azoguma aronka amahera.”

Zirikana: Igihe wiyumvira ivya kazoza, ni ibintu vyumvikana ibihe bikuraza ishinga? Ni ryari ikintu cumvikana kikuraje ishinga gicika umwitwarariko urenze urugero? Nyina wa Sarah yobigenza gute kugira ngo amufashe kwitegekaniriza kazoza mu vy’ubutunzi mu buryo butarenze urugero?

Ivyiyumviro vyo muri Bibiliya wozirikanako:

  • “Mureke kwirundaniriza amatunga kw’isi, aho udukoko n’ingese bikegeta, aho kandi ibisuma bimena bikiba.”​—Matayo 6:19.

  • “[Ntimuzi] uko ubuzima bwanyu buzomera ejo.”​—Yakobo 4:14.

Muri make: Ugutekanirwa nyakuri ntikuva ku kwirundaniriza amahera. Nakare, amahera arashobora kwibwa, kandi ntashobora gutuma umuntu atarwara canke ngo apfe. (Umusiguzi 7:12) Bibiliya yigisha yuko kumenya Imana n’umugambi wayo ari bwo buryo nyabwo bwo kwitegekaniriza kazoza.​—Yohani 17:3.

3. KUBUMBWA N’IVYO UFISE

Umwigeme w’imyaka 24 yitwa Tanya avuga ati: “Abavyeyi banje baranyigishije kubaho mu buryo bubayabaye. Twe n’ihasa ryanje twakuze duhimbawe, naho kenshi wasanga dufise ivya nkenerwa gusa.”

Zirikana: Kubera iki bishobora kutoroha ko ubumbwa n’ivya nkenerwa uronka? Wewe uha akarorero akahe umuryango wawe mu bijanye n’ingene umuntu akwiye kubona amahera?

Ivyiyumviro vyo muri Bibiliya wozirikanako:

  • “Iyo rero dufise ivyo kurya n’ivyo kwambara, ivyo biratubumba.”​—1 Timoteyo 6:8.

  • “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu.”​—Matayo 5:3.

Muri make: Ubuzima si amahera gusa canke ibintu ashobora kugura. Nakare, nk’uko Bibiliya ibivuga, “no mu gihe umuntu afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze.” (Luka 12:15) Mu vy’ukuri, ikintu kiruta ibindi vyose cotuma umuntu ahimbarwa mu buzima ni ukuronka inyishu z’ibibazo nk’ibi:

  • Kubera iki turiho?

  • Kazoza katubikiye iki?

  • Nokwironsa gute ivyo nkeneye mu vy’Imana?

Ivyabona vya Yehova, ari na bo basohora iki kinyamakuru, bohimbarwa no kugufasha kuronka inyishu z’ivyo bibazo.

a Muri iki kiganiro, si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.

Yoba azana agahimbare?

Igitabu kimwe (The Narcissism Epidemic) kivuga giti: “Abantu benshi bahahamira amaronko usanga bagira umunezero muke, bakagira n’intuntu nyinshi. Mbere n’abantu bipfuza gusa kuronka amahera yiyongereye baragira ingorane z’amagara yo mu mutwe; barakunda kandi gushikirwa n’izindi ngorane z’amagara, nko kubabara mu muhogo, mu mugongo no kumeneka umutwe, kandi usanga bishoboka cane ko banywa inzoga zirenze urugero canke ibiyayuramutwe. Biboneka ko kwiruka inyuma y’ubutunzi bituma abantu bagira amagorwa.”

“Ihinduka ry’ivyiyumviro”

“Mu myaka ya 1960 no mu ntango z’imyaka ya 1970, abanyeshure benshi babazwa igituma baja muri kaminuza bavuga yuko bipfuza canecane ‘kuba abantu bafise ubumenyi’ canke ‘bafise ivyiyumviro bisunga mu buzima.’ Bake cane ni bo bavuga ko imvo nyamukuru yatuma bajayo ari ‘ukuronka amahera menshi.’ Kuva mu myaka ya 1990, abanyeshure benshi cane baja kuri kaminuza usanga bavuga ko ‘kuronka amahera menshi’ isigaye ari yo mvo nyamukuru ituma bajayo . . . Iryo hinduka ry’ivyiyumviro ryabaye mu banyeshure bo kuri kaminuza, rirahuriranye n’iyongerekana rikomeye ryabaye ry’ibitigiri vy’abanyeshure barwara akabonge, abiyahura, n’abagira izindi ngorane z’amagara yo mu mutwe.”—Vyakuwe mu gitabu The Price of Privilege, canditswe n’umuhinga Madeline Levine.

Kugura birashobora kumera nk’ “umuti”

Umuhinga Madeline Levine avuga ko kugura ibintu bishobora kumera nk’ “umuti” utuma abantu bumva borohewe ku rugero runaka narirya baba mw’isi aho umuryango, ikibano n’idini vyabahemukiye. Mu gitabu kimwe (The Price of Privilege) yanditse, agira ati: “Kugura ibintu ni uburyo bumwe bwo kugira ububasha ku bintu bidukikuje. Bituma tugira uruhara ruhambaye mu vyo kugura no kugurisha, bigatuma umuguzi yumva ko afise ububasha bunaka. Mwene ubwo bubasha ni ubw’uruhendo . . . Ububasha nyabwo bufiswe n’amashirahamwe akomakomeye be n’abahaya ibidandazwa vyayo, bano bakaba bahembwa kugira ngo bereke abantu ko ibintu abaguzi bagura bibaha ububasha budasanzwe kandi bubakingira.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika