ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 7/13 rup. 10-11
  • Akayabu ko mu bugaragwa k’imbonekarimwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Akayabu ko mu bugaragwa k’imbonekarimwe
  • Be maso!—2013
  • Ivyo bijanye
  • Ibibazo vy’Abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Ururimi rw’akayabu
    Vyoba vyariyadukije?
  • Kugira ngo Ugumye Umukunzi, Utegerezwa Kuba Umukunzi
    Urashobora Kuba Umukunzi w’Imana!
  • Utwanwa tw’akayabu
    Be maso!—2015
Ibindi
Be maso!—2013
g 7/13 rup. 10-11
[Ifoto]

Akayabu ko mu bugaragwa k’imbonekarimwe

[Ifoto ku rup. 10]

Akayabu ko mu bugaragwa gatwara inda amezi abiri, kakavyara ubuyabu nka butatu

NI MU masaha yitereye y’ijoro, akaba ari mu bugaragwa. Akayabu ko mu bugaragwa ng’ako karasokorotse kavuye aho kaba maze kagahagarara. Kareraguza kakongera kakabanga amatwi. Hanyuma karamera nk’akabunda, kagaca gatangura kugendagenda gasoboka muri ako karere kuzuye umusenyi.

Nya kayabu karatarukira bukwi na bukwi ku mbeba yasamaye. Inyuma y’ivyo, karabandanya uruhigi iryo joro ryose, kakaza karacishamwo gasimba mu kirere kugira ngo gacakire utundi dukoko. Gacakiye ivyo kadashobora kurya ngo kamare, ibisigaye gaca kabipfukisha umusenyi. Mu gitondo ca kare, gaca gasubira iyo kaba kandi ni gake usanga kanyeguruka ku murango. Raba ibintu bimwebimwe bidasanzwe biranga ako kayabu k’imbonekarimwe.

  • Ubushobozi budasanzwe bwo kwumva bw’ako kayabu butuma kamenya ahari ikintu kocakira, niyo coba kiri mu kuzimu

  • Kugira ngo akagabo karondere akagore, karakuga n’ijwi ryo hejuru. Ubushobozi bwo kwumva akagore gafise, butuma kumva ijwi ry’ako kagabo naho koba kari kure cane

  • Ubwoya bwuzuye ku majanja y’ako kayabu buratuma kadacokera mu musenyi bukongera bugakingira ayo majanja yako ubushuhe n’ubukanye birenze

  • Mu matwi yako, huzuyeyo ubwoya bwera bugakingira imisenyi itumurwa n’umuyaga

  • Biragoye gukurikirana ako kayabu kubera ko amajanja yako yuzuyeko ubwoya butuma bitoroha kubona amakanda y’aho kaciye

  • Akayabu ko mu bugaragwa karashobora kubaho katanywa amazi, kagatungwa n’ayo gakura mu co kacakiye

  • Umusenyi wo mu bugaragwa bwitwa Karakoum urashobora gushuha gushika kuri dogere 80. Ibindi bihe, harashobora gukanya gushika kuri dogere 25 munsi y’ubusa

IVYAKO MURI MAKE

  • Aho umuntu yogasanga: Hagati mu bugaragwa bwa Sahara, mu karere ka Arabiya no mu turere tumwetumwe two muri Aziya yo Hagati

  • Uburemere: Utugabo dufise ibilo biri hagati ya 2 na 3

  • Uburebure bw’umutumba: Hagati ya santimetero 40 na 57

  • Umurizo: Hagati ya santimetero 20 na 30

  • Ingene kameze: Koko karatekereje, ntikameze nk’ibindi biyabu vyo mw’ishamba bifise agatima ko kuryana

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika