IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO: UGURA IBINGANA IKI?
Kubera iki tugura ibintu?
Itohoza ryagizwe kw’isi yose mu 2012 ryerekana ko ica kabiri c’abantu babajijwe biyemereye ko vyashitse bakagura ibintu batari bakeneye vy’ukuri. Ibice birenga 60 kw’ijana vyabo biyumvira ko abantu bagura ibintu birenze urugero. Bashobora kuba batarira busema. Abaguzi benshi baraguye mu mutego wo kurya amadeni badashobora kuriha. Abashakashatsi bavuga yuko kugura ibintu vyinshi bishobora gutuma turushiriza gushuha umutwe no kubura umunezero, aho gutuma turushiriza kwumva ko duhimbawe! Kubera iki none tugura ibintu vyinshi cane?
ABADANDAZA ntibahengeshanya kumenyesha abaguzi ivyerekeye ibidandazwa vyabo. None abo badandaza baba bafise intumbero iyihe? Baba bashaka ko abaguzi babona yuko ivyo bipfuza vyose babikeneye. Abadandaza barazi yuko ahanini abaguzi bagura ibintu kubera gusa bavyipfuza. Ivyo guhayanisha ibidandazwa be n’ingene bigurishwa, bitunganijwe ku buryo bituma abantu bipfuza cane kubigura.
Igitabu kimwe citwa ngo Igituma abantu bagura ibintu badakeneye (mu congereza) kivuga giti: “Igihe umuguzi ategekanya kugura ikintu gishasha, usanga akenshi yiha ishusho mu bwenge agiye kukirondera, akakironka, kigaca kimwegukira.” Abahinga bamwebamwe biyumvira yuko igihe umuguzi aba ariko ararondera ikintu ashobora kuryoherwa cane ku buryo ubwonko bwiwe burekura inkabuzo nyinshi zitwa adrénaline. Umuhinga mu vy’urudandaza yitwa Jim Pooler asigura ati: “Umudandaza amenye ko umuguzi yipfuza cane kugura ikintu, yoshobora guca afatira kuri ico cipfuzo gikomeye afise no ku kuntu ataba agishoboye kwigumya.”
None wokwikingira gute ngo ntugwe mu mutego w’abadandaza b’amayeri? Aho gutwarwa n’ivyipfuzo, nusuzume ko ivyo abadandaza bagusezeranira ari ukuri.
IVYO BASEZERANA: “Gira ubuzima bwiza”
Ni ibisanzwe ko umuntu yipfuza kugira ubuzima bwiza. Abahaya ibidandazwa batwereka ko ibintu vyose twipfuza, nk’amagara meza, ugutekanirwa, kwiremurura imyitwarariko be no kurushiriza kugiranira ubucuti bwiza n’abandi, dushobora kubironka hamwe twogura ibintu kanaka.
UKURI:
Uko twongereza amatungo ni ko ubuzima bwacu bushobora gutera bujamwo ingorane. Uko umuntu arushiriza kugira amatungo ni ko arushiriza gukenera umwanya n’amahera vyo kuyitwararika. Ararushiriza kugira imyitwarariko kubera amadeni, kandi n’umwanya wo kuba kumwe n’umuryango be n’abagenzi uragabanuka.
Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: “No mu gihe umuntu afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze.”—Luka 12:15.
Uko twongereza amatungo ni ko ubuzima bwacu bushobora gutera bujamwo ingorane
IVYO BASEZERANA: “Iheshe iteka n’icubahiro”
Abantu bakeyi ni bo bokwemera ko bagura ibintu kugira batangaze abandi. Ariko rero, wa muhinga mu vy’urudandazwa Jim Pooler agira ati: “Iyo abantu bagiye kugura ibintu, ikintu gihambaye usanga kibaranga ni uguhiganwa n’incuti n’abagenzi, ababanyi be n’abo bakorana.” Ni co gituma mw’ihayanishwa ry’ibidandazwa usanga berekana ivyo bidandazwa bifiswe n’abantu bamerewe neza, b’abatunzi. Ni nk’aho abahayanisha ibidandazwa baba bariko bakubwira bati: “Weho kuki? Wobuzwa n’iki kumera nk’uyo!”
UKURI:
Kugerageza kwerekana ico tumaze mu kwigereranya n’abandi bituma tutigera twumva ko dushize ipfa. Igihe dushitse ku co twipfuza, duca twipfuza gushika ku kindi.
Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: “Inkunzi y’ifeza ntizohaga ifeza.”—Umusiguzi 5:10.
IVYO BASEZERANA: “Erekana ico uri”
Igitabu citwa ngo Ibintu bikayangana (mu congereza) gisigura giti: “Akenshi twereka abandi ico turi (canke ico twipfuza kuba) biciye ku kuntu dukoresha ivyo dutunze be n’ukuntu tuvyereka abandi.” Ivyo abadandaza barabizi, akaba ari co gituma bagerageza kwereka abantu ko ibihingurwa n’amahinguriro kanaka y’ibidandazwa, na canecane amahinguriro akomakomeye, bigenewe umugwi w’abantu kanaka.
Wewe wibona gute, kandi wipfuza ko abandi bakubona gute? Nk’umuntu azi ibigezweho? Nk’umuntu akomeye? Uko wipfuza ko abantu bakubona kwose, abahayanisha ibidandazwa bagusezeranira yuko niwagura gusa ikintu cahinguwe n’ihinguriro kanaka, uzoca uba ico wipfuza kuba.
UKURI:
Nta kintu na kimwe twogura cohindura ico turi vy’ukuri canke ngo gitume tugira kamere nziza, nk’ukuba imvugakuri n’intahemuka.
Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: “Ugushaza kwanyu ntikube . . . ukwo kwambara udusharizo tw’inzahabu canke ukwambara impuzu zo hejuru, ahubwo kube wa muntu yihishije wo mu mutima.”—1 Petero 3:3, 4.