VYOBA VYARIYADUKIJE?
Ubuhinga bwo kuguruka bw’inyoni yitwa barge rousse
INYONI yitwa barge rousse iri mu nyoni zigira urugendo rutangaje gusumba izindi ngendo abantu bamaze kumenya. Urugendo igira rw’ibilometero 11.000 rurashobora kumara imisi irenga umunani.
Rimbura ibi: Abashakashatsi biyumvira yuko inyoni zimwezimwe mu kuguruka zisunga ubushobozi isi ifise bwo gukwega ibintu nk’isumako, nk’aho zoba zifise mu bwonko bwazo ka kuma kerekana amerekero kitwa rugenimpande. Iyo nyoni ishobora kandi kuba yisunga izuba igihe iguruka ku murango, mw’ijoro na ho ikisunga inyenyeri. Bisa n’uko iyo nyoni ishobora no kumenya ko himirije ibihuhusi bishobora gutuma yungukira ku miyaga iyituruka inyuma ikayifasha kwiyunguruza. Naho ari ukwo, abahinga ntibaratahura neza na neza ingene iyo nyoni igira urwo rugendo rutangaje rwose. Nk’akarorero, umuhinga mu vy’ibinyabuzima yitwa Bob Gill avuga ati: “Maze imyaka 20 ntohoza ibijanye n’izo nyoni, ariko n’ubu ziracanjoreza.”
None uvyibazako iki? Ubuhinga bwo kuguruka bw’iyo nyoni coba ari ikintu ciyadukije? Canke hariho uwagishizeho?