ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 1/13 rup. 12-13
  • Tuje muri Kamerune

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tuje muri Kamerune
  • Be maso!—2013
Be maso!—2013
g 1/13 rup. 12-13
[Ifoto ku rup. 12]

IBIHUGU N’ABABIBAMWO

Tuje muri Kamerune

[Amakarata ku rup. 12]

ABATWA bo muri Kamerune, abitwa kandi Ababaka, bashobora kuba ari bo batanguye kugerera muri ico gihugu. Mu nyuma, mu myaka ya 1500, haciye haza Abanyaportigale. Haheze ibinjana nka bingahe, abitwa Abafulani, bakaba bari abisilamu, barigaruriye uburaruko bwa Kamerune. Muri iki gihe, ibice 40 kw’ijana vy’Abanyakamerune bavuga ko ari abakirisu, 20 kw’ijana bakavuga ko ari abisilamu, ibice 40 bisigaye bakaba bari mu madini ya kera yo muri Afrika.

[Ifoto ku rup. 13]

Ivyabona vya Yehova barasohoye ibitabu bishingiye kuri Bibiliya mu rurimi ruvugwa muri Kamerune rwitwa bassa

Ababa mu ntara zo hagati mu gihugu usanga ari abantu bakirana cane. Iyo haje umushitsi baramuramutsa bagaca bamuha ikaze mu nzu, hanyuma bakamuzimana ibifungurwa n’amazi. Mu gihe umushitsi atemeye ko bamuzimana babona ko ari agasuzuguro, mugabo yemeye bakabona ko abateye iteka.

Imbere y’uko uganiriza abo ugendeye, ubanza kuramutsa abagize umuryango, ukababaza amakuru yabo. Mu mico yaho biramenyerewe ko umuntu abaza n’amakuru y’ibitungwa vyabo. Imvukira yo muri ico gihugu yitwa Joseph avuga ati: “Hageze ko umushitsi ataha, kuvuga gusa ngo ‘ni agasaga’ ntibihagije. Akenshi, uwakwakiriye aca akurenza imitwe y’inzuzi, agenda arakuganiriza. Haragera igihe akagusezera, agaca asubira muhira. Iyo umushitsi batamugiriye gutyo ashobora kubona ko bamwinuvye.”

[Ifoto ku rup. 13]

Ku Ruzi Sanaga harakunda guca utwato. Ibitambara vy’ubwato babikora mu vyo bashoboye kuronka vyose

Mu gufungura, hari igihe abagenzi baja hamwe bakarira kw’isahani imwe, rimwe na rimwe bakarisha iminwe. Aho muri Kamerune, uwo mugenzo ni ikimenyetso gikomeye c’ubumwe. Mbere rimwe na rimwe, baragira ico kintu kugira ngo bahuze abantu usanga ubugenzi bwabo bwaratosekaye. Twovuga ko ukwo gusangirira hamwe ari uburyo bwo kuvuga ngo: “Ubu twasubije hamwe.”

[Ifoto ku rup. 13]

Ivyabona vya Yehova, ari na bo basohora iki kinyamakuru, muri ico gihugu ca Kamerune bafise amashengero arenga 300, ubu bakaba bigisha Bibiliya abantu nka 65.000

IBIHARANGA MURI MAKE

[Ifoto ku rup. 13]

Benshi mu batwa bakuze usanga bafise uburebure buri hagati y’imetero 1 na santimetero 20 be n’imetero 1 na santimetero 42

  • Abanyagihugu: Hafi imiliyoni 20

  • Umurwa mukuru: Yaoundé

  • Ikirere: Mu buraruko usanga hashushe kandi hagadutse; hafi y’ibahari na ho harashuha ariko ntihagadutse

  • Ivyo bashora mu mahanga: Amavuta, igiterwa citwa cacao, ikawa, ipampa, imbaho, ubutare bwitwa aluminium

  • Indimi zivugwayo: Icongereza n’igifaransa, hamwe n’indimi be n’indimirimi vyo muri Afrika bishika 270

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika