ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 11/12 rup. 4
  • 1 Nurondere abogufasha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 1 Nurondere abogufasha
  • Be maso!—2012
  • Ivyo bijanye
  • Bavyeyi, nimufashe abana banyu gukunda Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Ingo Usangamwo Umuvyeyi Umwe Zirashobora Kuroranirwa!
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Niwitwararike abavyeyi bireranye abana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Bavyeyi, nimwigishe abana banyu gukunda Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
Ibindi
Be maso!—2012
g 11/12 rup. 4

1 Nurondere abogufasha

“Turafise abagenzi beza cane mw’ishengero ryacu. Barakundana kandi barashigikirana. Ni nk’umuryango vy’ukuri.”—LIZAAN, INABIBONDO W’ABANA BABIRI B’IMIYABAGA.

Ingorane. Uwitwa Alina, akaba ari inabibondo afise abahungu babiri bakiri bato, avuga ati: “Ingorane ikomeye mfise ni uburuhe n’ukutigera ndonka umwanya.” Ukwo ni ko biri no ku bandi bakenyezi bireranye abana. Ni co gituma abavyeyi benshi bireranye abana usanga barondera umugwi w’abantu bashobora kwikorako ata kwitinya.

Inama ugiriwe. Nusabe incuti n’abagenzi wizigira bagufashe. Ubona gute ugize urutonde rw’abantu ushobora kwikorako, bakagufasha mu bijanye no kuraba abana, kwiyunguruza, gusanura ivyo mu nzu canke kukuremesha? Kandi urwo rutonde ugume uruhuza n’ukuntu ibintu bigenda birahinduka. Vyongeye, nurondere kumenya nimba hari imfashanyo woshobora guhabwa n’inzego za Leta canke izitari iza Leta.

Uwitwa Renata, akaba ari Icabona ca Yehova, ahora afashwa cane n’abakirisu bagenziwe. Avuga ati: “Bama banserutseko. Igihe twe n’abakobwa banje b’amahasa b’imyaka icenda twarwara akamangu, sinashobora guteka. Abo mw’ishengero bamaze kubimenya, haciye haza haraboneka buri musi uwutuzanira imfungurwa.” Uwo mutima mwiza uratwibutsa amajambo Bibiliya ivuga muri 1 Yohani 3:18 iti: “Bana bato, dukundane, atari mu majambo canke ku karimi, ahubwo mu bikorwa no mu kuri.”

Uwo mwavyaranye abo bana, hoba hari ico yofasha? Nimba uwo muvyeyi, uwukunze kuba ari se wabo, arekurirwa n’amategeko kubonana na bo, akaba ari umuntu yitwararika ibintu, akaba kandi yipfuza gufasha, ubona gute akuremuruye mu bintu bimwebimwe? Kanatsinda, abana barakenera kumarana umwanya na se wabo.a

Niwigishe abana bawe gufasha. Igihe uhaye abana bawe udukorwa bakwiranye, uba uriko urabafasha wongera wifasha. Gukora birigisha abana kuba abitwararika ibintu kandi gukunda igikorwa bizobagirira akamaro mu buzima.

[Akajambo k’epfo]

a Igihe vyifashe gutyo, abavyeyi bakirisu barakwiye gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya uko bashoboye kwose kandi bazirikana ineza y’abana babo. Ingingo zafashwe na sentare zikwiye kwubahirizwa.

[Ifoto ku rup. 4]

Nusabe incuti n’abagenzi wizigira bagufashe

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika