Vyoba vyariyadukije?
Ukuntu agakoko bita méduse kiyunguruza
● Ako gakoko kagizwe n’amazi ku bice 95 kw’ijana. Gatoyi cane usanga gafise ubunini buri munsi ya santimetero 3, kanini na ko kagasumba imetero 2. Twinshi muri two twiyunguruza mu kuza turapfunya twongera turekura umubiri watwo umeze nk’ikizinu, nka kurya umuntu yugara yongera yugurura umutaka.
Rimbura ibi: Naho ako gakoko katanyaruka cane, abahinga mu bijanye no kwiyunguruza mu mazi basanze ubwoko bumwebumwe bwako bwiyunguruza mu buryo butangaje. Igihe cose gapfunyije umubiri wako, ako gakoko gaca gatuma haba agashururu, kagaca kagasunikira inyuma yako. Inguvu z’ako gashururu zituma haboneka izindi nguvu zica zisunikira imbere nya gakoko nka kurya kw’indege, mugabo koko kaza karirasa gasubira, aho kubandanirizako kagenda. Ikinyamakuru kimwe (New Scientist) kivuga giti: “Womengo ni ibisanzwe. Mugabo abahinga basanze bigoye cane kwerekana ukwo kuntu gatuma haba agashururu.”
Abahinga bariko bariga ukuntu ako gakoko kiyunguruza kugira bahingure ivyuma bigendera munsi y’amazi bihanitse kuruta. Hari umuhinga amaze gukora akato gaca munsi y’amazi k’imetero irenga gatoyi kiyunguruza gakoresheje ubuhinga nk’ubw’ako gakoko. Ugereranije n’inguvu zikoreshwa n’ubwato busanzwe igihe bwiyunguruza, ako kato karaziganya ibice 30 kw’ijana vy’inguvu. Ubwo buhinga bwoshobora kandi kuzokoreshwa mu bijanye no kuvura umutima w’umuntu. Kubera yuko igihe amaraso atembera mu gice kinaka c’umutima atuma haba imipfunda nk’iy’agashururu, imipfunda iri n’agahaze yoshobora kwerekana hakiri kare ko umutima ufise ingorane.
None uvyibazako iki? Ubuhinga bwo kwiyunguruza bw’ako gakoko bwoba bwariyadukije?
[Ifoto ku rup. 13]
Ka gakoko bita “méduse” karatuma haba umupfunda w’agashururu, kagaca kawusunika kugira kiyunguruze
[Abo dukesha amafoto ku rup. 13]
Ifoto: © JUNIORS BILDARCHIV/age fotostock; igicapo: Tugikesha Sean Colin