ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 4/12 rup. 32
  • “Iki gitabu candikanywe ubuhanga”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Iki gitabu candikanywe ubuhanga”
  • Be maso!—2012
Be maso!—2012
g 4/12 rup. 32

“Iki gitabu candikanywe ubuhanga”

● Woba wipfuza gusoma ivyerekeye ubuzima bwa Yezu Kristu igihe yari kw’isi be n’inyigisho ziwe zihindura ubuzima hamwe n’ibigereranyo vy’intibagirwa yakoresheje? Nimba uvyipfuza, tukuremesheje gusoma igitabu Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose.

Hari uwagisomye kiramushimisha aca avuga ati: “Iki gitabu candikanywe ubuhanga kubera ko gikoresha imvugo yoroshe, ariko kikavuga ido n’ido mu buryo bwiza cane ubuzima bw’Umukama wacu igihe yari kw’isi.”

Inkuru zivugwa muri co ziganwa hakurikijwe ukuntu ivyabaye vyagiye birakurikirana, hisunzwe amakuru ahari gushika ubu. Gishingiye ku vyo abantu bane babayeho mu gihe ca Yezu banditse bahumekewe n’Imana, na bo bakaba ari ba banditsi b’Injili Matayo, Mariko, Luka na Yohani. Matayo na Yohani bari intumwa za Yezu bakaba kandi baragendana na we. Mariko yari umugenzi somambike wa Petero, umwe mu ntumwa za Yezu. Wa muganga Luka na we yaraherekeza intumwa Paulo mu ngendo ziwe.

Nimba wipfuza ico gitabu, uzuza agace kabigenewe kari kuri uru rupapuro, ugakate uheze ukarungike kuri aderese ibereye mu ziri ku rupapuro rwa 5 rw’iki kinyamakuru.

□ Ndabasavye mundungikire iki gitabu cerekanywe ng’aha ata co murinze kunsaba.

□ Ndabasavye mumenyeshe ibijanye n’inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana igirwa ku buntu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika