ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 1/12 rup. 32
  • Ubukerebutsi bw’Umwami Salomo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubukerebutsi bw’Umwami Salomo
  • Be maso!—2012
Be maso!—2012
g 1/12 rup. 32

Ubukerebutsi bw’Umwami Salomo

● Umwigisha umwe yarabajije abanyeshure bo mu mwaka wa kane ico bazi ku vyerekeye Umwami Salomo avugwa muri Bibiliya. Umwana w’imyaka icenda yitwa Sheena yavuze yuko Salomo yari umwami w’inkerebutsi, aca adondora ingene yatoreye umuti impari zishingiye ku mwana zari hagati y’abagore babiri, umwe wese akaba yavuga yuko uwo mwana ari rwiwe. Abanyeshure bigana na Sheena babanje kubabara igihe bumva uburyo Salomo yakoresheje mu gutorera umuti iyo ngorane, mugabo nya mwigisha yavuze yuko bwari bwiza.

Sheena yasiguye yuko yamenye ivyo bintu mu gusoma Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya, kino kikaba kirimwo inkuru ivuga ivyerekeye ubukerebutsi bwa Salomo. Sheena yasiguye ati: “Batandatu mu banyeshure twigana baripfuje kuronka ico gitabu c’Inkuru za Bibiliya.” Yongeyeko ati: “N’umwigisha wacu yaragisavye. Ku bw’ivyo, narashoboye gutanga ibitabu indwi.”

Urashobora gusaba igitabu c’Inkuru za Bibiliya, kino kikaba kirimwo inkuru 116 zivuga ibijanye n’abantu bo muri Bibiliya be n’ivyabaye bivugwa muri yo. Kugira ngo ukironke, niwuzuze gusa agace kandikwamwo aderese kari kumwe n’iki kiganiro, maze ukarungike kuri aderese ibereye mu ziri ku rupapuro rwa 5 rw’iki kinyamakuru.

□ Ndabasavye mundungikire iki gitabu cerekanywe ng’aha ata co murinze kunsaba.

□ Ndabasavye mumenyeshe ibijanye n’inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana igirwa ku buntu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika