Ururimi rurangwa n’ubukerebutsi
WOBA umaze kwicuza uvuga uti: ‘Mbega yemwe ivyo bintu nabivugiye iki!’ Egome, twese turanyinyana no gucungera ururimi rwacu. Bibiliya ivuga yuko dushobora kugunda ibikoko nka vyose, “mugabo ururimi, nta n’umwe mu bantu ashobora kurugunda.” (Yakobo 3:7, 8) Twoba none dukwiye kureka kugerageza gucungera ururimi rwacu? Oya! Rimbura ingingo ngenderwako zimwezimwe zo muri Bibiliya zishobora kudufasha kurushiriza gucungera ako gahimba k’umubiri gatoya mugabo gafise ububasha.
● “Mu murengera w’amajambo ntihaburamwo ukugabitanya, ariko uwugumya iminwa yiwe aba akoranye ubwenge.” (Imigani 10:19) Uko turushiriza kuvuga, ni ko turushiriza guhakwa kuvuga ikintu kiranga ubupfu canke mbere kibabaza. Nkako, ururimi rutajiginyitswe rurashobora kumera nk’umuriro, rugakwiragiza ningoga na ningoga urusaku rukongera rukambika ibara abandi. (Yakobo 3:5, 6) Ariko rero, igihe ‘tugumije iminwa yacu,’ ni ukuvuga tukiyumvira imbere y’uko tuvuga, tuba twitwararitse ingaruka amajambo tuvuga yoshobora kugira ku bandi. Tubigenjeje gutyo, turamenyekana ko turi abanyabwenge, kandi abandi baratwubaha bakongera bakatwizigira.
● ‘Nutebuke kwumva, utebe kuvuga, utebe kuraka.’ (Yakobo 1:19) Abandi barabishima igihe twumviriza ivyo bavuga twitonze, kuko iyo tubigenjeje gutyo tuba twerekanye yuko tudashimishwa gusa n’ivyo bavuga ariko kandi yuko tububaha. Ariko none vyogenda gute umuntu avuze ikintu kitubabaza canke kidusomborotsa? Dutegerezwa rero kugerageza ‘guteba kuraka’ mu kutagera ingere ku yindi. Erega ntawobimenya! Hoshobora kuba hari ikintu kinaka cababaje uwo muntu, mbere agashobora gusaba ikigongwe kubera ayo majambo ataranga umutima mwiza yavuze. Woba ubona ko ‘guteba kuraka’ ari ikintu kigoye? Nimba ari ukwo biri nusenge Imana uyisaba ukwigumya. Ntizokwirengagiza ico kintu kivuye ku mutima uzoba usavye.—Luka 11:13.
● “Ururimi rw’ubwitonzi rurashobora kumena igufa.” (Imigani 25:15) Mu buryo butandukanye n’uko abantu benshi bavyibaza, ubwitonzi burafise inkomezi. Nk’akarorero, inyishu irimwo ubwitonzi irashobora gutsinda ukurwanywa gusa n’ugukomeye nk’igufa, kuba kwatewe kumbure n’ishavu canke ukwinubana. Ni ivy’ukuri yuko bishobora kuba urugamba kugaragaza ubwitonzi, na canecane igihe abantu baranze imitsi. Ku bw’ivyo rero, nuzirikane ku vyiza biva ku gukora ivyo Bibiliya ivuga be n’ingaruka zishobora gushika utabikoze.
Mu vy’ukuri ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ni “ubukerebutsi buva hejuru.” (Yakobo 3:17) Igihe dushira mu ngiro ubwo bukerebutsi mu kuntu dukoresha ururimi rwacu, amajambo tuvuga aca aba ayatera iteka abandi, agatuma bumva ko bakundwa, akongera akabubaka. Ayo aba ari amajambo avuzwe mu gihe kibereye, ameze nk’“ivyamwa vy’amapome y’inzahabu mu duhingurano tw’ifeza.”—Imigani 25:11.