ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g04 8/4/04 rup. 32
  • Umwana wawe ashobora kwiga ibingana iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umwana wawe ashobora kwiga ibingana iki?
  • Be maso!—2004
Be maso!—2004
g04 8/4/04 rup. 32

Umwana wawe ashobora kwiga ibingana iki?

Kenshi abakuze usanga batazi ubushobozi umwana afise bwo kwiga. Ariko rero, akenshi abana baramenya ururimi rushasha ningoga kuruta abavyeyi babo. Ku myaka ine y’amavuka, bamwebamwe usanga bashobora kuvuga indimi zibiri canke zirenga. Mu mwaka uheze, hari umukenyezi umwe yitwa Rhonda w’i Auburn, muri Leta ya Washington yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yari yarakekeranije ku bushobozi umwana afise bwo kwiga yanditse ati: “Ndabakengurukiye kubona mwaratumye nemera yuko nari narihenze koko”.

Rhonda yasiguye yuko yari yarasomye inkuru imwe y’ivyabaye yo mu kinyamakuru kigenzi c’iki ari co Umunara w’Inderetsi, mu nomero yaco (mu gifaransa) yo ku wa 1 Myandagaro 1988, araheza agira ati: “Ku rupapuro rwa 13, hariho amajambo yavuzwe na inabibondo umwe afise akana k’agahungu k’imyaka ine n’inusu y’amavuka yavuze yuko igihe yariko arasoma inkuru mu Gitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya maze akaruhuka, ako gahungu kiwe kabandanije iyo nkuru ijambo ku rindi. Yongeyeko yuko kari karafashe ku mutwe inkuru 33 za mbere zo muri ico gitabu, ushizemwo n’amazina agoye y’ahantu n’ay’abantu. Ndiyemerera yuko muri ico gihe niyumvira yuko ivyo bitashoboka. Vy’ukuri narihenda. Ubu mfise agakobwa k’imyaka ine kafashe ku mutwe nyinshi mu nkuru ziri mu gitabu Inkuru za Bibiliya”.

Wakoze iki kugira ngo uremeshe umwana wawe kwiga? Urashobora gusaba Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya, kikaba ari igitabu c’impapuro 256 kirimwo inkuru 116 z’abantu n’ibintu vyabaye biri muri Bibiliya. Niwuzuze gusa agace kandikwamwo aderese kari kumwe n’iki kiganiro hanyuma ukarungike kuri aderese yaherekanywe canke ku yibereye mu ziri ku rupapuro rwa 5 rw’iki kinyamakuru.

□ Niba ata co ntegerezwa gutanga, ndabasavye mundonse Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya

Niwerekane ururimi.

□ Ndabasavye mumenyeshe ibijanye n’inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana igirwa ku buntu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika