Umubumbe wacu—kazoza kawo ni akahe?
“Naho abantu bamaze imyaka ibihumbi batinya ‘ivyago vy’ivyaduka ata muntu yoshobora guteza’, nk’umwuzure be n’uruzuba, muri iki gihe barageramiwe n’ibibi vyinshi, ni ukuvuga ‘ibikorwa abantu bakora’ bituma haba ivyago vy’ivyaduka biva ku kwonona ibidukikije”. Ivyo bivugwa n’ikinyamakuru kimwe (Globe and Mail) co muri Kanada. Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ibidukikije (PNUE) ryarasohoye raporo irimwo ibintu vyinshi, ihimiriza abantu guhagarika ibikorwa vyonona ibidukikije amazi atararenga inkombe. Klaus Toepfer, umuyobozi ashinzwe ibikorwa vy’iryo shirahamwe, avuga ati: “Ubu turafise amakuru ahagije adufasha kubona ukuntu kugira ico dukoze canke kutagira ico dukoze, bizoshobora kugira ingaruka ku bidukikije no ku bantu baba kuri uyu mubumbe w’akaroruhore guhera mu 2032”.
Kuva aho iryo shirahamwe rishingiwe mu 1972, haramaze kuba iterambere rinaka mu vyo gukingira ibidukikije. Nk’uko vyavuzwe mu kinyamakuru kimwe (The Toronto Star), “akayaga be n’amazi yo mu nzuzi vyararushirije kumera neza mu Buraya no muri Amerika ya Ruguru, kandi amategeko abuza kurekurira ubumara mu kirere, yaratumye ca gisenge citwa ozone congera gusubirana gatoyi”. Vyongeye, amaporogarama yo gukoresha neza amashamba, nk’amwe agirwa muri Finilande, muri Kanada, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, no muri Noroveje “arerekana yuko inkurikizi ziva ku kwicira ibiti mu buryo burenze urugero zizogabanuka”. Naho ari ukwo, raporo ya rya shirahamwe ivuga yuko hamwe iterambere mu vy’ubutunzi ryobandanya mu buryo budacungerewe, n’iyagurwa ry’ibisagara rikabandanya gutwara igice kinini c’isi, ivyo bizogira ingaruka zikomeye ku bikoko be no ku binyabuzima bitandukanye. Ca kinyamakuru (Globe and Mail) cavuze giti: “Hafi ica kabiri c’inzuzi zo kw’isi usanga zononekaye canke amazi yazo yaragabanutse cane. Ibihugu 80 birimwo ibice 40 kw’ijana vy’abantu baba kw’isi biri n’ingorane ikomeye yo kubura amazi”.
Toepfer aremera yuko “ingingo ruhasha zishobora gutuma ibintu bigenda neza”. Yongerako ati: “Turakeneye umugambi urashe . . . amaporoje arashe . . . n’ikiruta vyose, turakeneye itangazo ritomoye”. Ariko vyogenda gute hamwe indongozi zo muri iyi si zokwanka kugira ico zikoze ku bw’ineza y’uwu mubumbe?
Shira amazinda, hariho uwagize “itangazo ritomoye” kandi azofata “ingingo ruhasha”, uwo na we akaba ari Yehova Imana. Kukaba nkako, yaratangaje mu buryo butomoye ko azoharenguka maze ‘agahonya abahonya isi’ (Ivyahishuriwe 11:18). Si ivyo gusa, Imana iradusubiriza umutima mu nda yuko ibidukikije bizosubira kunagurwa. Ubugaragwa buzoshurika (Yesaya 35:1). Ibifungurwa bizoba ari umusesekara. Inzuzi ntizizosubira gutosekazwa (Zaburi 72:16; 98:8). Imana isezerana kuzohezagira ikintu cose gifise ubuzima kiba kw’isi.—Zaburi 96:11, 12.
[Abo dukesha ifoto ku rup. 15]
NASA photo