ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • nwt rup. 32-33
  • Ikibazo ca 18: Wokwiyegereza Imana gute?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikibazo ca 18: Wokwiyegereza Imana gute?
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Ikibazo ca 18: Wokwiyegereza Imana gute?

IKIBAZO CA 18

Wokwiyegereza Imana gute?

«Wewe wumva amasengesho, abantu b’ubwoko bwose bazoza iwawe.»

Zaburi 65:2

«Niwizigire Yehova n’umutima wawe wose, kandi ntiwiheke ku bwenge bwawe. Numwibuke mu vyo ukora vyose, na we azogorora inzira zawe.»

Imigani 3:5, 6

«Kugira abantu baronke ubuzima budahera, bategerezwa kukumenya neza, wewe Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye Yezu Kristu.»

Yohani 17:3

«Kuko [Imana] itari kure y’umuntu n’umwe muri twebwe.»

Ivyakozwe 17:27

«Iki ni co nguma nsaba Imana: ni uko urukundo rwanyu rwoguma rugwira, rukagwirana n’ubumenyi butagira amakosa be n’ugutahura kwuzuye.»

Abafilipi 1:9]

«Nimba . . . hari uwo muri mwebwe ahajije ubukerebutsi, nagume abusaba Imana kuko iha bose ibikunze kandi idatora amahinyu, kandi azobuhabwa.»

Yakobo 1:5

«Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza. Yemwe bacumuzi, nimukarabe iminwe, namwe abadafata ingingo mutyorore imitima.»

Yakobo 4:8

«Iki ni co gukunda Imana bisobanura: ni uko twubahiriza amabwirizwa yayo, kandi amabwirizwa yayo ntaremereye.»

1 Yohani 5:3

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika