ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • nwt Ivyahishuwe 1:1-22:21
  • Ivyahishuwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyahishuwe
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Ivyahishuwe

IVYAHISHURIWE YOHANI

1 Ivyahishuwe* na Yezu Kristu, ivyo Imana yamuhaye+ kugira yereke abashumba bayo+ ibintu bitegerezwa kuba vuba. Yezu yaciye atuma umumarayika wiwe kugira abishikirize umushumba wayo* Yohani+ mu bimenyetso. 2 Uyo* na we yarashingiye intahe ijambo ry’Imana n’ubutumwa Yezu Kristu yatanze, emwe ibintu vyose yabonye. 3 Hahiriwe uwusoma amajambo y’ubu buhanuzi n’ijwi ryumvikana, hamwe n’abumva bakongera bagakurikiza ivyanditswe muri bwo+, kuko igihe Imana yashinze kiri hafi.

4 Jewe Yohani, ndabandikiye mwebwe amashengero indwi+ ari mu ntara ya Aziya:

Nimugire ubuntu n’amahoro biva kuri «Umwe ariho kandi yamyeho kandi ariko araza+», no kuri za mpwemu indwi+ ziri imbere y’intebe yiwe y’ubwami 5 hamwe no kuri Yezu Kristu, «ca Cabona cizigirwa+», «imfura mu kuva mu bapfuye+», akaba n’«Umutware w’abami b’isi+.»

Umwe adukunda+ kandi yatubohoye mu bicumuro vyacu biciye ku maraso yiwe+, 6 akatugira ubwami+ n’abaherezi+ b’Imana yiwe ikaba na Se wiwe, nahabwe ubuninahazwa n’ububasha gushika ibihe bidahera. Amen.

7 Ehe arazananye n’ibicu+, kandi ijisho ryose rizomubona, mbere n’abamucumise bazomubona. Imiryango yose yo kw’isi izokwikubitagura ku gikiriza yishwe n’intuntu kubera we+. Ego cane, Amen.

8 «Jewe ndi Alufa na Omega*+», ni ko Yehova* avuze, «Umwe ariho kandi yamyeho kandi ariko araza, Imana Mushoboravyose+.»

9 Jewe Yohani, mwenewanyu musangiye uruhamo+, ubwami+ n’ukwihangana+ kubera twunze ubumwe na Yezu+, nari mw’izinga ryitwa Patimo mporwa kuvuga ivyerekeye Imana no gushingira intahe Yezu. 10 Biciye ku mpwemu nyeranda, nasanze ndi mu musi w’Umukama, maze numva inyuma yanje ijwi rikomeye nk’iry’urumbete 11 rimbwira riti: «Ivyo ubona uvyandike mu muzingo maze ubirungikire aya mashengero indwi: iry’i Efeso+, iry’i Simuruna+, iry’i Perugamo+, iry’i Tiyatira+, iry’i Sarudi+, iry’i Filadelufiya+ n’iry’i Lawodiseya+.»

12 Nca mpindukira kuraba uwariko avugana nanje. Mpindukiye, mbona ibintu indwi baterekako amatara vy’inzahabu+, 13 kandi hagati yavyo hari uwusa n’umwana w’umuntu+. Yari yambaye impuzu ishika ku birenge kandi yari akenyeye umukanda w’inzahabu mu gikiriza. 14 Umutwe wiwe n’imishatsi yiwe vyarera nk’ubwoya bw’intama, nk’urubura*. Amaso yiwe yari ameze nk’urubeya rw’umuriro+, 15 ibirenge vyiwe vyari bimeze nk’umujumpu mwiza+ uriko urayagayaga mw’ifuru, ijwi ryiwe na ryo ryari rimeze nk’ugusuma kw’amazi menshi. 16 Yari afise inyenyeri indwi+ mu kuboko kwiwe kw’ukuryo, mu kanwa kiwe hariko havayo inkota ndende ikarishe y’ubugi bubiri+, mu maso hiwe na ho hari hameze nk’izuba iyo ryatse cane, rica ibibatsi+. 17 Ndamubonye, nca ngwa hasi imbere y’ibirenge vyiwe, mera nk’uwapfuye.

Maze anshirako ukuboko kwiwe kw’ukuryo, ambwira ati: «Ntutinye. Jewe ndi uwa mbere+ n’uwa nyuma+, 18 kandi ndi muzima+. Nari narapfuye+, ariko raba ndi muzima gushika ibihe bidahera+, kandi mfise impfunguruzo z’urupfu n’iz’ukuzimu+. 19 Andika rero ivyo wabonye, ibiriko biraba ubu n’ibizoba mu nyuma. 20 Inyenyeri indwi wabonye mu kuboko kwanje kw’ukuryo na birya bintu indwi baterekako amatara vy’inzahabu, ni ibanga ryeranda. Ng’iyi rero insobanuro yavyo: zirya nyenyeri indwi zigereranya abamarayika ba ya mashengero indwi, birya bintu indwi baterekako amatara na vyo bigereranya amashengero indwi+.

2 Andikira umumarayika+ w’ishengero ry’i Efeso+ uti: Umwe afise inyenyeri indwi mu kuboko kwiwe kw’ukuryo, akagendera hagati ya vya bintu indwi baterekako amatara vy’inzahabu, avuze ati+: 2 “Ndazi ibikorwa vyawe, ukubira akuya kwawe n’ukwihangana kwawe. Ndazi kandi ko utihanganira abantu babi be n’uko wasuzumye abiyita intumwa+ kandi atari bo, ugasanga ni ababeshi. 3 Vyongeye, urihangana kandi warumiyeko kubera izina ryanje+, ntiwarambiwe+. 4 Ariko hariho ikintu ndakunegura: warahevye urukundo wari ufise mu ntango.

5 Ibuka rero aho watemvye uva, wigaye+ maze ukore ibikorwa nk’ivyo mu ntango. Nutigaya, nzoza iwawe maze nkure ico baterekako amatara cawe+ mu kibanza caco, kiretse wigaye+. 6 Ariko hariho ikintu ndagushima: uranka ibikorwa vy’akagwi k’idini ka Nikola+, kandi na jewe ndavyanka. 7 Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu ibwira amashengero+: uwutsinda+ nzomuha kurya ku giti c’ubuzima+ kiri mw’iparadizo y’Imana.”

8 Andikira umumarayika w’ishengero ry’i Simuruna uti: “Umwe wa mbere akaba n’uwa nyuma+”, umwe yapfa ariko agasubira kuba muzima+, avuze ati: 9 “Ndazi umubabaro wawe n’ubukene bwawe, ariko uri umutunzi+. Ndazi kandi ibitutsi bivugwa n’abiyita ngo ni Abayuda kandi atari bo, ahubwo ari akagwi* ka Shetani+. 10 Ntutinye ibigira bigushikire+. Shetani* azobandanya guta mw’ibohero bamwe muri mwebwe kugira mugezwe bimwe bishitse, kandi muzomara imisi cumi muriko murahamwa. Nugume uri umwizigirwa gushika ku rupfu, nanje nzoguha urugori rw’ubuzima+. 11 Uwuri n’ugutwi niyumve+ ico impwemu ibwira amashengero: uwutsinda+ ntazogenda ashikiwe n’urupfu rwa kabiri+.”

12 Andikira umumarayika w’ishengero ry’i Perugamo uti: Umwe afise inkota ndende ikarishe y’ubugi bubiri+ avuze ati: 13 “Ndazi aho uba, kandi ndazi ko ari ho hari intebe y’ubwami ya Shetani. Ariko warumiye kw’izina ryanje+ kandi ntiwahakanye ko unyizera+, mbere no mu misi ya Antipa, ca cabona canje w’umwizigirwa+ biciye+ iruhande yawe, aho Shetani aba.

14 Ariko hariho ibintu bikeyi ndakunegura: iwawe hariho abakurikira inyigisho ya Balamu+, umwe yigisha Balaki+ ingene yotsitaza Abisirayeli, kugira barye ivyashikaniwe ibigirwamana bongere bakore ubusambanyi*+. 15 Vyongeye, iwawe urafise abakurikira inyigisho z’akagwi k’idini ka Nikola+. 16 Niwigaye rero. Nutigaya, ngira nze ningoga iwawe kandi nzobarwanya nkoresheje ya nkota ndende yo mu kanwa kanje+.

17 Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu ibwira amashengero+: uwutsinda+ nzomuha kuri manu yanyegejwe+, kandi nzomuha akabuye kera kanditseko izina rishasha ata n’umwe arizi, kiretse uwurironse.”

18 Andikira umumarayika w’ishengero ry’i Tiyatira+ uti: Umwana w’Imana, umwe afise amaso ameze nk’urubeya rw’umuriro+, n’ibirenge bimeze nk’umujumpu mwiza+, avuze ati: 19 “Ndazi ibikorwa vyawe, urukundo rwawe, ukwizera kwawe, igikorwa ukorera Imana n’ukwihangana kwawe, kandi ndazi ko ibikorwa vyawe vya vuba biruta ivyo mu ntango.

20 Ariko hariho ikintu ndakunegura: urarekerana urya mugore Yezebeli+ yiyita umuhanuzikazi, akigisha akongera akazimiza abashumba banje kugira bakore ubusambanyi*+ bongere barye ivyashikaniwe ibigirwamana. 21 Naramuhaye umwanya wo kwigaya, mugabo ntashaka kwigaya ngo ahebe ubusambanyi* bwiwe. 22 Ehe ngira ndamuteze indwara ituma atava ku buriri, kandi abasambana na we nzobateza imibabaro ikomeye*, kiretse bigaye ibikorwa abosha gukora*. 23 Nzokwica abana biwe nkoresheje ikiza cica, kugira amashengero yose amenye ko ari jewe nsuzuma imitima n’ivyiyumviro vyihishije*, kandi umwe wese muri mwebwe nzomuha ibihuye n’ibikorwa vyiwe+.

24 Ariko mwebwe abasigaye bo mw’ishengero ry’i Tiyatira, mwebwe mwese mudakurikira iyo nyigisho, mwebwe mutamenye ivyo bita ‘ibintu vyimbitse vya Shetani+’, ndababwiye nti: nta wundi muzigo ndabikoreje. 25 Mwebwe gusa nimugumye ico mufise gushika nje+. 26 Uwutsinda kandi akaguma yisunga ibikorwa vyanje gushika kw’iherezo, nzomuha ububasha ku mahanga+, 27 nk’uko na jewe nabuhawe na Data. Azoganza amahanga akoresheje inkoni y’icuma+, ku buryo amenagurika nk’ibikoresho vy’ibumba. 28 Nzomuha kandi inyenyeri yo mu gatondo+. 29 Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu ibwira amashengero.”

3 Andikira umumarayika w’ishengero ry’i Sarudi uti: Umwe afise za mpwemu indwi z’Imana+ be na za nyenyeri indwi+, avuze ati: “Ndazi ibikorwa vyawe, ndazi kandi ko uboneka ko uri muzima ariko warapfuye+. 2 Niwikangure*+ ukomeze ibisigaye vyagira bipfe, kuko nasanze utararangiza neza ibikorwa vy’Imana yanje. 3 Guma rero wibuka ivyo waronse n’ivyo wumvise, ubandanye kubigumya kandi wigaye+. Emwe nutikangura, nzoza iwawe nk’igisuma+ kandi ntuzomenya isaha nzozirako+.

4 Ariko urafise abantu bakeyi* i Sarudi batahumanije impuzu zabo+, kandi bazogendana nanje bambaye impuzu zera+, kuko babibereye. 5 Uwutsinda+ azokwambikwa impuzu zera+, kandi sinzogenda mpanaguye izina ryiwe mu gitabu c’ubuzima+. Ahubwo nzokwemeza ko ndamuzi imbere ya Data n’imbere y’abamarayika biwe+. 6 Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu ibwira amashengero.”

7 Andikira umumarayika w’ishengero ry’i Filadelufiya uti: wa mweranda+, umwe w’ukuri+, umwe afise urupfunguruzo rwa Dawidi+, umwe yugurura ntihagire uwugara kandi akugara ntihagire uwugurura, avuze ati: 8 “Ndazi ibikorwa vyawe. Ehe ndakwugururiye umuryango+ ata n’umwe ashobora kwugara. Ndazi ko ufise ububasha bukeyi, ariko waragumije ijambo ryanje, ntiwihakanye izina ryanje. 9 Abo mu kagwi ka Shetani* bigira ngo ni Abayuda kandi atari bo+ ahubwo babesha, emwe nzobazana buname* imbere y’ibirenge vyawe, ndabamenyeshe ko nagukunze. 10 Ko wakurikije akarorero kanje ko kwihangana+, nanje nzokurinda igihe* c’ibigeragezo+ kigiye kuza kw’isi yose, kugira kigerageze ababa kw’isi bose. 11 Ndaje ningoga+. Guma wumiye ku co ufise, kugira ntihagire uwugutwara urugori rwawe+.

12 Uwutsinda nzomugira inkingi mu rusengero rw’Imana yanje, kandi ntazogenda aruvuyemwo. Nzomwandikako izina ry’Imana yanje+ n’izina ry’igisagara c’Imana yanje, ari co Yeruzalemu nshasha+ imanuka iva mw’ijuru ku Mana yanje, hamwe n’izina ryanje rishasha+. 13 Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu ibwira amashengero.”

14 Andikira umumarayika w’ishengero ry’i Lawodiseya+ uti: Umwe yitwa Amen+, ca cabona+ cizigirwa kandi c’ukuri+, umwe Imana yatangurirako kurema+, avuze ati: 15 “Ndazi ibikorwa vyawe, kandi ndazi ko udakanye canke ngo ushuhe. Icompa ugakanya canke ugashuha! 16 Ko rero uri akazuyazi, ntushuhe+ canke ngo ukanye+, ngira ndakudahwe umve mu kanwa. 17 Wewe uvuga ngo: ‘Ndi umutunzi+, nararonse ubutunzi kandi nta kintu na kimwe nkeneye’, ariko ntuzi ko uri umugorwa, ko uteye ikigongwe, ko uri umukene n’impumyi be n’uko uri gusa. 18 Ndaguhanuye ugurire iwanje inzahabu ityorojwe umuriro kugira ube umutunzi, ugure n’impuzu zera kugira wambare maze ubwambure bwawe ntibuje ahabona ngo umaramare+, ugure n’umuti w’amaso wo gusiga ku maso yawe+ kugira ubone+.

19 Abo nkunda bose ndabakosora kandi nkabatoza indero+. Nugire umwete rero kandi wigaye+. 20 Ehe mpagaze ku muryango ndiko ndadodora. Nihagira uwumva ijwi ryanje akanyugururira, nzokwinjira mu nzu iwe dusangire imfungurwa zo ku mugoroba. 21 Uwutsinda+ nzomuha kwicarana nanje ku ntebe yanje y’ubwami+, nk’uko nanje natsinze nkicarana+ na Dawe ku ntebe yiwe y’ubwami. 22 Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu ibwira amashengero.”»

4 Inyuma y’ivyo, mbona umuryango wuguruye mw’ijuru, kandi ijwi rya mbere numvise rivugana nanje ryari rimeze nk’iry’urumbete. Rimbwira riti: «Duga hano, nkwereke ibintu bitegerezwa kuba.» 2 Ivyo biheze, ubwo nyene impwemu ica itangura kunkorerako, maze mbona intebe y’ubwami mw’ijuru, kandi hari uwari ayicayeko+. 3 Uwari ayicayeko yasa n’ibuye ryitwa yasipi+ hamwe n’iryitwa sarudiyo*, kandi iyo ntebe yari ikikujwe n’umunywamazi usa n’ibuye ryitwa emerode+.

4 Hirya no hino y’iyo ntebe hariho intebe z’ubwami 24, kandi kuri izo ntebe hari hicaye abakurambere 24+ bambaye impuzu zera n’ingori z’inzahabu ku mitwe. 5 Kuri iyo ntebe haguma hava imiravyo+, amajwi n’imituragaro+. Imbere yayo hariho amatara indwi aguma yaka, ayo matara akaba agereranya impwemu indwi z’Imana+. 6 Imbere yayo hariho kandi ikintu kimeze nk’ikiyaga c’ikiyo+, gica ibibatsi nk’ibuye ryitwa kirisitalo.

Hagati y’iyo ntebe no hirya no hino yayo hari ibinyabuzima bine+ vyuzuyeko amaso imbere n’inyuma. 7 Ikinyabuzima ca mbere casa n’intambwe+, ica kabiri casa n’ishuri+, ica gatatu+ cari gifise mu maso nk’ah’umuntu, ica kane+ na co casa n’inkona iriko iraguruka+. 8 Kimwekimwe cose muri ivyo binyabuzima bine cari gifise amababa atandatu yuzuyeko amaso hejuru no munsi+. Ijoro n’umurango vyaguma bivuga biti: «Mweranda, mweranda, mweranda ni Yehova*+ Imana Mushoboravyose, umwe yamyeho kandi ariho kandi ariko araza+.»

9 Igihe cose ivyo binyabuzima bininahaje, bigatera iteka kandi bigakengurukira Umwe yicaye kuri ya ntebe y’ubwami, Umwe ariho gushika ibihe bidahera+, 10 ba bakurambere 24+ baca bapfukama imbere y’Umwe yicaye kuri ya ntebe y’ubwami, maze bagasenga Umwe ariho gushika ibihe bidahera kandi bagaterera ingori zabo imbere y’iyo ntebe, bakavuga bati: 11 «Ewe Yehova* Mana yacu, urabereye kuronka ubuninahazwa+, iteka+ n’ububasha+, kuko waremye vyose+, kandi ukugomba kwawe ni kwo kwatumye bibaho, biraremwa.»

5 Hanyuma mbona umuzingo uri mu kuboko kw’ukuryo kw’umwe yicaye kuri ya ntebe y’ubwami+, wanditseko impande zose* kandi wugawe neza n’udushashara indwi. 2 Maze mbona umumarayika akomeye asemerera n’ijwi rirenga ati: «Ni nde abereye kwugurura uwo muzingo no kumatura udushashara twawo?» 3 Mugabo haba mw’ijuru canke kw’isi canke mu kuzimu, ntihaboneka n’umwe ashoboye kuzingurura uwo muzingo canke kuraba muri wo. 4 Nca ndaturikisha ndarira, kuko habuze n’umwe abereye kwugurura uwo muzingo canke kuraba muri wo. 5 Ariko umwe muri ba bakurambere ambwira ati: «Reka kurira. Ya Ntambwe yo mu muryango wa Yuda+, wa muzi+ wa Dawidi+, yaratsinze+ kandi arashoboye kwugurura uwo muzingo no kumatura udushashara indwi twawo.»

6 Maze mbona umwagazi w’intama+ usa n’uwishwe+, uhagaze hagati* ya ya ntebe y’ubwami na vya binyabuzima bine no hagati ya ba bakurambere+. Wari ufise amahembe indwi n’amaso indwi, ayo maso akaba agereranya impwemu indwi z’Imana+ zatumwe mw’isi yose. 7 Ubwo nyene aca aragenda, atora wa muzingo mu kuboko kw’ukuryo kw’umwe yicaye kuri ya ntebe y’ubwami+. 8 Atoye uwo muzingo, vya binyabuzima bine na ba bakurambere 24+ baca barapfukama imbere ya wa Mwagazi w’intama. Umwe wese yari afise inanga n’amabakure y’inzahabu yuzuyemwo imibavu. (Imibavu igereranya amasengesho y’aberanda+.) 9 Maze baririmba indirimbo nshasha+ bati: «Urabereye gutora uwo muzingo no kumatura udushashara twawo, kuko wishwe kandi ukagurira abantu Imana ukoresheje amaraso yawe+. Wabaguze ubakuye mu miryango yose, indimi zose, amoko yose n’amahanga yose+ 10 maze ubagira abami+ n’abaherezi b’Imana yacu+, kandi bazoganza+ isi.»

11 Hanyuma mbona abamarayika benshi bakikuje ya ntebe na vya binyabuzima na ba bakurambere, nongera numva ijwi ryabo. Igitigiri cabo cari ibihumbi mirongo kugwiza ibihumbi mirongo, emwe ibihumbi n’ibihumbi+. 12 Bavuga n’ijwi rirenga bati: «Uwo Mwagazi w’intama wishwe+, urabereye guhabwa ububasha, ubutunzi, ubukerebutsi, inkomezi, iteka, ubuninahazwa n’umuhezagiro+.»

13 Maze numva ivyaremwe vyose biri mw’ijuru, kw’isi, mu kuzimu+ no mu kiyaga, emwe numva ibintu vyose biri muri vyo bivuga biti: «Uwicaye kuri ya ntebe y’ubwami+ hamwe na wa Mwagazi w’intama+ nibahabwe umuhezagiro, iteka+, ubuninahazwa n’ubushobozi gushika ibihe bidahera+.» 14 Vya binyabuzima bine bica bivuga biti: «Amen!» Ba bakurambere na bo baca barapfukama, maze basenga Imana.

6 Hanyuma mbona wa Mwagazi w’intama+ amatuye kamwe muri twa dushashara indwi+, nca numva kimwe muri vya binyabuzima bine+ kivuze n’ijwi nk’iry’umuturagaro giti: «Ingo!» 2 Ngize gutya, mbona ifarasi yera+ kandi uwuyicayeko yari afise umuheto. Ahabwa urugori+ maze arasohoka, agenda aratsinda gushika asozereye intsinzi yiwe+.

3 Amatuye agashashara kagira kabiri, nca numva ikinyabuzima kigira kabiri+ kivuze giti: «Ingo!» 4 Haca haza iyindi farasi y’ibara risa n’umuriro. Uwuyicayeko ahabwa gukura amahoro kw’isi kugira abantu bicane, ahabwa n’inkota ndende+.

5 Amatuye agashashara kagira gatatu+, nca numva ikinyabuzima kigira gatatu+ kivuze giti: «Ingo!» Ngize gutya, mbona ifarasi yirabura kandi uwuyicayeko yari afise umunzane mu minwe. 6 Maze numva ijwi rivugiye hagati ya vya binyabuzima bine riti: «Ingero* imwe y’ingano kw’idenariyo*+, n’ingero zitatu za sayiri kw’idenariyo, kandi ntusesagure* amavuta y’imyelayo* n’umuvinyu+.»

7 Amatuye agashashara kagira kane, nca numva ijwi ry’ikinyabuzima kigira kane+ rivuze riti: «Ingo!» 8 Ngize gutya, mbona ifarasi ibenjutse kandi uwuyicayeko yitwa Rupfu. Kuzimu na we yaguma amukurikira ari hafi yiwe. Bahabwa ububasha ku ca kane c’isi kugira bicishe abantu inkota ndende, inzara+, ibiza hamwe n’ibikoko vyo mw’ishamba+.

9 Amatuye agashashara kagira gatanu, nca mbona munsi y’igicaniro+ amaraso*+ y’abishwe kubera ijambo ry’Imana no kubera igikorwa co gushinga intahe bakoze+. 10 Baca barasemerera n’ijwi rirenga bati: «Mukama Segaba, wewe mweranda kandi w’ukuri+, uzorindira gucira urubanza ababa kw’isi gushika ryari no kubahora amaraso yacu+?» 11 Umwe wese muri bo ahabwa ikanzu yera+, maze basabwa kuruhuka kandi gatoyi, mu kurindira ko igitigiri c’abashumba bagenzi babo na benewabo bagira bicwe nk’uko na bo nyene bishwe gikwira+.

12 Hanyuma mbona amatuye agashashara kagira gatandatu, haca haba nyamugigima ikomeye. Izuba rica ririrabura nk’igunira ry’ubwoya*, ukwezi kwose kumera nk’amaraso+, 13 inyenyeri zo kw’ijuru na zo zitibagurikira kw’isi nka kurya igiti c’umusukoni gitibagura insukoni z’ibiturumbwe, iyo kinyigangijwe n’umuyaga ukomeye. 14 Ijuru rica ririzinga nka kurya kw’umuzingo bazinze+, imisozi yose n’amazinga yose na vyo biva mu bibanza vyavyo+. 15 Maze abami bo kw’isi, abategetsi bakurubakuru, abakuru mu gisirikare*, abatunzi, abakomakomeye, abashumba bose n’abantu bose bidegemvya, binyegeza mu masenga no mu bitandara vyo mu misozi+. 16 Baguma babwira imisozi n’ibitandara bati: «Nimutugweko+, muduhishe amaso y’Umwe yicaye ku ntebe y’ubwami+ n’uburake bw’Umwagazi w’intama+, 17 kuko umusi uhambaye w’uburake bwabo ushitse+. Ni nde yoshobora kuwihanganira+?»

7 Inyuma y’ivyo, mbona abamarayika bane bahagaze ku mfuruka zine z’isi. Bari bafashe imiyaga yo ku mpande zine z’isi, kugira ntihagire umuyaga uhuhutira kw’isi canke ku kiyaga canke ku giti na kimwe. 2 Mbona uwundi mumarayika aduze ava mu buseruko, afise ikidodo c’Imana nzima. Aca arasemerera n’ijwi rirenga abwira ba bamarayika bane bahawe ububasha bwo kugirira nabi isi n’ikiyaga, 3 avuga ati: «Ntimugirire nabi isi canke ikiyaga canke ibiti tutaraheza kudoma ikidodo+ mu ruhanga rw’abashumba b’Imana yacu+.»

4 Nca numva igitigiri c’abadomweko ikidodo. Bose hamwe bari 144.000+, bo mu miryango yose y’Abisirayeli+:

5 Mu muryango wa Yuda 12.000 ni bo badomweko ikidodo,

mu muryango wa Rubeni 12.000,

mu muryango wa Gadi 12.000,

6 mu muryango wa Asheri 12.000,

mu muryango wa Nafutali 12.000,

mu muryango wa Manase+ 12.000,

7 mu muryango wa Simeyoni 12.000,

mu muryango wa Lewi 12.000,

mu muryango wa Isakari 12.000,

8 mu muryango wa Zabuloni 12.000,

mu muryango wa Yozefu 12.000,

mu muryango wa Benyamini 12.000.

9 Inyuma y’ivyo, mbona isinzi rinini ata muntu n’umwe yari ashoboye kuriharura. Ryari rigizwe n’abantu bo mu mahanga yose, imiryango yose, amoko yose n’indimi zose+, kandi bari bahagaze imbere ya ya ntebe y’ubwami n’imbere ya wa Mwagazi w’intama. Bari bambaye amakanzu yera+, kandi bari bafise amashami y’ibigazi mu minwe+. 10 Baguma basemerera n’ijwi rirenga bati: «Ubukiriro tubukesha Imana yacu yicaye kuri ya ntebe y’ubwami+, na wa Mwagazi w’intama+.»

11 Abamarayika bose bari bahagaze bakikuje ya ntebe y’ubwami na ba bakurambere+ na vya binyabuzima bine. Baca barapfukama, barunama mu maso habo hashika hasi imbere y’iyo ntebe y’ubwami, maze basenga Imana, 12 bavuga bati: «Amen! Ugushemezwa, ubuninahazwa, ubukerebutsi, ugukenguruka, iteka, ububasha n’inkomezi nibibe ivy’Imana yacu gushika ibihe bidahera+. Amen.»

13 Umwe muri ba bakurambere aca ambaza ati: «Aba bantu bambaye amakanzu yera+, ni bande kandi bavuye hehe?» 14 Ubwo nyene nca ndamwishura nti: «Mukama wanje, ni wewe ubizi.» Aca ambwira ati: «Ni abarenganye ya makuba akomeye+, kandi baramesuye amakanzu yabo bayeza mu maraso ya wa Mwagazi w’intama+. 15 Ni co gituma bari imbere y’intebe y’ubwami y’Imana, kandi bayikorera igikorwa ceranda ijoro n’umurango mu rusengero rwayo. Umwe yicaye kuri ya ntebe y’ubwami+ azosanza ihema ryiwe hejuru yabo+. 16 Ntibazosubira gusonza canke kunyoterwa, kandi izuba ntirizosubira kubaturira canke ngo ubushuhe bubababure+, 17 kuko wa Mwagazi w’intama+ ari hagati* ya ya ntebe y’ubwami azobaragira+, kandi azobayobora ku masoko* y’amazi y’ubuzima+. Vyongeye, Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo+.»

8 Amatuye+ agashashara kagira indwi+, mw’ijuru haca haba agacerere nk’igice c’isaha. 2 Nca mbona ba bamarayika indwi+ bahagarara imbere y’Imana, maze bahabwa inzumbete indwi.

3 Haza uwundi mumarayika afise icotezo c’inzahabu kijamwo imibavu, maze ahagarara iruhande y’igicaniro+. Ahabwa imibavu myinshi+ kugira ayishikane ku gicaniro c’inzahabu+ kiri imbere ya ya ntebe y’ubwami, mu gihe amasengesho y’aberanda bose yariko arumvikana. 4 Umwotsi w’imibavu iri mu kuboko kwiwe uca uduga imbere y’Imana, uri kumwe n’amasengesho+ y’aberanda. 5 Ubwo nyene uwo mumarayika aca atora ca cotezo, acuzuza umuriro akuye kuri ca gicaniro maze agiterera kw’isi. Haca humvikana imituragaro n’amajwi, haba n’imiravyo+ na nyamugigima. 6 Ba bamarayika indwi bafise inzumbete indwi+ baca bitegurira kuzivuza.

7 Uwa mbere avuza urumbete rwiwe. Haca haduka urubura n’umuriro bivanze n’amaraso maze bitererwa kw’isi+. Ica gatatu c’isi, ica gatatu c’ibiti hamwe n’ivyatsi bitoto vyose bica birasha+.

8 Umumarayika wa kabiri avuza urumbete rwiwe. Ikintu kimeze nk’umusozi munini waka umuriro gica gitererwa mu kiyaga+. Ica gatatu c’ikiyaga gica gihinduka amaraso+, 9 ica gatatu c’ibinyabuzima biri mu kiyaga kirapfa+, ica gatatu c’amato* na co kiramenagurika.

10 Umumarayika wa gatatu avuza urumbete rwiwe. Ikinyenyeri kinini caka nk’itara gica kirakoroka kivuye mw’ijuru, kigwa ku ca gatatu c’inzuzi no ku masoko* y’amazi+. 11 Ico kinyenyeri citwa Mururazi*. Ica gatatu c’amazi gica gihinduka umururazi, kandi abantu benshi barishwe n’ayo mazi, kuko yari yahindutse umururazi+.

12 Umumarayika wa kane avuza urumbete rwiwe. Ica gatatu c’izuba+, ica gatatu c’ukwezi n’ica gatatu c’inyenyeri bica bihinduka umwiza, kugira ngo ica gatatu cavyo kibe umwiza+, ica gatatu c’umurango kibure umuco, n’ica gatatu c’ijoro kibe ukwo nyene.

13 Maze mbona inkona iguruka mu kirere, kandi numva isemerera n’ijwi rirenga iti: «Baragowe, baragowe, baragowe+ ababa kw’isi, kubera amajwi y’inzumbete zisigaye ba bamarayika batatu bagira bavuze+!»

9 Umumarayika wa gatanu avuza urumbete rwiwe+. Nca mbona inyenyeri yari yakorokeye kw’isi ivuye mw’ijuru, maze ihabwa urupfunguruzo rw’icobo kija mu nyenga+. 2 Yuguruye ico cobo, haca havayo umwotsi umeze nk’umwotsi w’ifuru* nini, maze izuba n’ikirere bihinduka umwiza+ kubera uwo mwotsi. 3 Muri uwo mwotsi haca havamwo inzige maze zikwiragira kw’isi+, kandi zihabwa ububasha nk’ubwa sikorupiyo* zo kw’isi. 4 Zibwirwa kutagirira nabi ivyatsi vyo kw’isi canke ibiterwa bitoto canke igiti na kimwe, kiretse abantu badafise ikidodo c’Imana mu ruhanga rwabo+.

5 Izo nzige zihabwa ububasha bwo kubababaza amezi atanu ariko ntizibice, kandi ububabare zateza bwari bumeze nk’ubwa sikorupiyo+ igihe ikomoye umuntu. 6 Muri ico kiringo, abantu bazorondera urupfu ariko ntibazoruronka, bazokwipfuza gupfa ariko urupfu ruzobahunga.

7 Izo nzige zasa n’amafarasi yiteguriye intambara+. Zari zifise ibintu bimeze nk’ingori z’inzahabu ku mitwe yazo, mu maso hazo hasa n’ah’umuntu 8 kandi zari zifise imishatsi imeze nk’iy’abagore. Amenyo yazo yari ameze nk’ay’intambwe+, 9 kandi zari zifise ibikingira igikiriza bimeze nk’ivy’icuma. Urwamo rw’amababa yazo rwari rumeze nk’urwamo rw’imikogote ikwegwa n’amafarasi yiruka aja mu ntambara+. 10 Vyongeye, zifise imirizo iriko imboyi nk’iza sikorupiyo, kandi mu mirizo yazo ni ho hari ububasha bwo kubabaza abantu amezi atanu+. 11 Zifise umwami azigaba, akaba ari umumarayika w’inyenga+. Mu giheburayo yitwa Abadoni*, ariko mu kigiriki yitwa Apoliyoni*.

12 Icago kimwe kiraheze. Hari ibindi vyago bibiri+ bigira bize.

13 Umumarayika+ wa gatandatu avuza urumbete rwiwe+. Nca numva ijwi rivuye mu mahembe ya ca gicaniro c’inzahabu+ kiri imbere y’Imana, 14 maze ribwira wa mumarayika agira gatandatu afise urumbete riti: «Bohora ba bamarayika bane babohewe hafi ya rwa ruzi runini, ari rwo Efurate+.» 15 Abo bamarayika bane bari bateguwe ku bw’iyo saha, uwo musi, ukwo kwezi n’uwo mwaka, baca barabohorwa kugira bice ica gatatu c’abantu.

16 Igitigiri c’ingabo zirwanira ku mafarasi cari imiliyoni 200*. Narumvise igitigiri cazo. 17 Amafarasi nabonye mw’iyerekwa hamwe n’abayagenderako vyari bimeze uku: bari bambaye ibikingira igikiriza bifise ibara ritukura, irisa n’ubururu n’irisa n’umuhondo. Imitwe y’ayo mafarasi yari imeze nk’iy’intambwe+, kandi mu kanwa kayo havayo umuriro, umwotsi n’amazuku*. 18 Ica gatatu c’abantu cicwa n’ivyo vyago bitatu, ni ukuvuga umuriro, umwotsi hamwe n’amazuku biva mu kanwa kayo. 19 Ububasha bw’ayo mafarasi buri mu minwa yayo no mu mirizo yayo, kuko imirizo yayo imeze nk’inzoka kandi iriko n’imitwe. Ivyo ni vyo aryanisha.

20 Ariko abantu basigaye batishwe n’ivyo vyago, ntibigaye ibikorwa vy’amaboko yabo. Babandanije gusenga amadayimoni n’ibigirwamana bikozwe mu nzahabu, ifeza, umujumpu, amabuye n’ibiti, ibigirwamana bidashobora kubona, kwumva canke gutambuka+. 21 Vyongeye, ntibigaye ubwicanyi bwabo, ubupfumu bwabo, ubusambanyi* bwabo canke ubusuma bwabo.

10 Mbona uwundi mumarayika akomeye yariko amanuka ava mw’ijuru, yambaye igicu. Umutwe wiwe wari ukikujwe n’umunywamazi, mu maso hiwe hari hameze nk’izuba+, amaguru* yiwe na yo yari ameze nk’inkingi z’umuriro. 2 Yari afise mu kuboko akazingo gatoyi kazinguruye. Araheza ashinga ukuguru kw’ukuryo ku kiyaga, ukubamfu na kwo agushinga kw’isi, 3 maze arasemerera n’ijwi rirenga nk’intambwe iroshe+. Asemereye, ya mituragaro indwi+ yaciye ivuga.

4 Igihe iyo mituragaro indwi yavuga, nagira nandike, ariko nca numva ijwi rivuye mw’ijuru+ rivuga riti: «Ibintu iyo mituragaro indwi ivuze nubigire ibanga, ntuvyandike.» 5 Wa mumarayika nabona ahagaze ku kiyaga no kw’isi aca aduza ukuboko kwiwe kw’ukuryo akwerekeza mw’ijuru, 6 arahira umwe ariho gushika ibihe bidahera+, umwe yarema ijuru n’ibiri muri ryo, isi n’ibiri muri yo n’ikiyaga n’ibiri muri co+. Avuga ati: «Igihe co kurindira caheze. 7 Ariko igihe umumarayika agira indwi+ azoba agira avuze urumbete rwiwe+, rya banga ryeranda+, ari yo nkuru nziza Imana yamenyesheje abashumba bayo b’abahanuzi+, rizoba rirangutse*.»

8 Rya jwi numva rivuye mw’ijuru+ ryongera kumbwira riti: «Genda utore urya muzingo uzinguruye uri mu kuboko kw’urya mumarayika ahagaze ku kiyaga no kw’isi+.» 9 Nca ngenda kuri uwo mumarayika, ndamubwira ngo ampe ako kazingo. Na we ambwira ati: «Kakire ukarye+. Kaza gutuma mu nda yawe harura, mugabo mu kanwa karaza kugusosera nk’ubuki.» 10 Nca ntora ako kazingo mu kuboko kwiwe ndakarya+. Mu kanwa kanje karasosa nk’ubuki+, ariko maze kukamira karanduriye mu nda. 11 Baca bambwira bati: «Utegerezwa kwongera kuvuga ubuhanuzi bwerekeye amoko y’abantu, amahanga, abantu bavuga indimi zitandukanye n’abami benshi.»

11 Maze bampa irenga rimeze nk’inkoni*+, nca numva ijwi rimbwira riti: «Haguruka upime urusengero* rw’Imana n’igicaniro hamwe n’abasengera muri rwo. 2 Mugabo ikigo kiri hanze y’urusengero ukireke ntugipime, kuko cahawe amahanga, kandi azohonyanga igisagara ceranda+ amezi 42+. 3 Nzotuma ivyabona vyanje bibiri bivuga ubuhanuzi imisi 1.260 vyambaye amagunira.» 4 Abo bagereranywa na vya biti bibiri vy’imyelayo*+ be na vya bintu bibiri baterekako amatara+, kandi bahagaze imbere y’Umukama w’isi+.

5 Hagize uwushaka kubagirira nabi, umuriro uca uva mu kanwa kabo ukarigata abansi babo. Umuntu wese ashaka kubagirira nabi ategerezwa gupfa gutyo. 6 Abo barafise ububasha bwo kwugara ijuru*+ kugira ntihagire imvura igwa+ mu misi y’igikorwa cabo co kuvuga ubuhanuzi, kandi barafise ububasha bwo guhindura amazi akaba amaraso+ no guteza isi ivyago vy’ubwoko bwose incuro zose bashaka.

7 Nibarangiza igikorwa cabo co kuvuga ubuhanuzi, ca gikoko kiduga kiva mu nyenga kizobarwanya, kibatsinde kandi kibice+. 8 Ibiziga vyabo bizoguma mw’ibarabara rikuru rya ca gisagara gikomeye kigereranywa na Sodomu na Misiri, aho n’Umukama wabo yamanitswe. 9 Abantu bo mu moko yose, imiryango yose, indimi zose n’amahanga yose bazomara imisi itatu n’igice+ bitegereza ibiziga vyabo, kandi ntibazokwemera ko bihambwa. 10 Ababa kw’isi bazoryoherwa n’urupfu rwabo, bagire umusi mukuru kandi bagemuriranire, kuko abo bahanuzi babiri bahora babababaza cane.

11 Inyuma y’iyo misi itatu n’igice, impwemu y’ubuzima ivuye ku Mana yarabinjiyemwo+, baca barahaguruka, abababonye baca batekerwa n’ubwoba bwinshi. 12 Maze bumva ijwi rirenga rivuye mw’ijuru ribabwira riti: «Nimuduge ino.» Baca baduga mw’ijuru bari mu gicu, kandi abansi babo barababonye*. 13 Muri uwo mwanya* haca haba nyamugigima ikomeye, ic’icumi c’igisagara gica kirasenyuka. Iyo nyamugigima yahitanye abantu 7.000, abasigaye baca batekerwa n’ubwoba, maze baninahaza Imana yo mw’ijuru.

14 Icago ca kabiri+ kiraheze. Ehe icago ca gatatu kiraje cihuta.

15 Umumarayika w’indwi avuza urumbete rwiwe+. Mw’ijuru haca humvikana amajwi akomeye avuga ati: «Ubwami bw’isi bubaye Ubwami bw’Umukama wacu+ n’ubwa Kristu wiwe+, kandi azoganza gushika ibihe bidahera+.»

16 Ba bakurambere 24+ bari bicaye imbere y’Imana ku ntebe zabo z’ubwami baca barapfukama, barunama mu maso habo hashika hasi maze basenga Imana, 17 bavuga bati: «Turagushimiye, Yehova* Mana Mushoboravyose, wewe uriho+ kandi wamyeho, kuko wafashe ububasha bwawe bukomeye ugatangura kuganza+. 18 Ariko amahanga yashavuye, na wewe washavuye, kandi igihe co gucira urubanza abapfuye n’ico guhemba+ abashumba bawe b’abahanuzi+, n’aberanda, n’abatinya izina ryawe, abato n’abahambaye be n’ico guhonya abonona* isi cashitse+.»

19 Urusengero* rw’Imana rwo mw’ijuru rurugururwa, maze mbona isandugu y’isezerano ryayo iri muri urwo rusengero+. Haca haba imiravyo n’amajwi n’imituragaro na nyamugigima n’urubura rukomeye.

12 Maze mbona ikimenyetso gikomeye mw’ijuru: umugore+ yambaye izuba, munsi y’ibirenge vyiwe hari ukwezi, kandi yari afise ku mutwe urugori rw’inyenyeri 12. 2 Yari yibungenze kandi yariko araboroga cane kubera yariko arababazwa n’ibise.

3 Mbona ikindi kimenyetso mw’ijuru: igisato kinini c’ibara risa n’umuriro+, gifise imitwe indwi, amahembe cumi n’ingori indwi ku mitwe yaco. 4 Umurizo w’ico gisato uca ukwega ica gatatu c’inyenyeri+ zo mw’ijuru, uzikororera kw’isi+. Ico gisato kiguma gihagaze imbere y’uwo mugore+ agira yibaruke, kugira ngo yibarutse gice kirotsa umwana wiwe.

5 Araheza avyara umwana w’umuhungu+ azoragiza amahanga yose inkoni y’icuma+. Ubwo nyene umwana wiwe aca ajanwa ku Mana no ku ntebe y’ubwami yayo. 6 Uwo mugore na we aca ahungira mu bugaragwa, ahantu Imana yamuteguriye kugira bamugaburire imisi 1.260 ari ng’aho+.

7 Haca haduka intambara mw’ijuru: Mikayeli*+ n’abamarayika biwe barwana n’ico gisato, ico gisato na co kirwana kiri kumwe n’abamarayika baco. 8 Ariko ntivyanesheje*, kandi mw’ijuru ntihasubiye kuboneka ikibanza cavyo. 9 Ca gisato kinini+ rero gikororerwa hasi, ya nzoka yo mu ntango+, iyitwa Mubesheranyi*+ na Shetani+, umwe azimiza isi yose+. Akororerwa kw’isi+, n’abamarayika biwe bakororanwa na we. 10 Nca numva mw’ijuru ijwi rirenga rivuga riti:

«Ubu rero harashitse ubukiriro+, ububasha n’Ubwami bw’Imana yacu+ n’ubushobozi bwa Kristu wayo, kuko uwagiriza benewacu yakororewe hasi, umwe abagiriza imbere y’Imana yacu+ ijoro n’umurango! 11 Baramutsinze+ kubera amaraso ya wa Mwagazi w’intama+ n’ijambo ryabo ryo gushinga intahe+, kandi baremeye guheba ubuzima bwabo+ n’igihe baba bahanganye n’urupfu. 12 Nimuhimbarwe rero mwa majuru namwe abayabamwo! Haragowe isi n’ikiyaga+, kuko Shetani* yabamanukiye afise ishavu ryinshi, azi ko asigaje igihe gito+.»

13 Ca gisato kibonye yuko gikororewe kw’isi+, gica gihama wa mugore+ yavyara umwana w’umuhungu. 14 Ariko uwo mugore ahabwa amababa abiri y’inkona nini+, kugira aguruke aje mu bugaragwa mu kibanza yateguriwe kure ya ya nzoka+, maze agaburirirweyo igihe n’ibihe n’igice c’igihe*+.

15 Iyo nzoka ica isuka inyuma y’uwo mugore amazi ameze nk’uruzi avuye mu kanwa kayo, kugira atwarwe n’urwo ruzi. 16 Ariko isi itabara uwo mugore, yugurura akanwa kayo, imira rwa ruzi ca gisato casuka. 17 Ico gisato gica gishavurira cane uwo mugore, maze kija kurwanya abasigaye bo mu ruvyaro* rwiwe+ bubahiriza amabwirizwa y’Imana kandi bagakora igikorwa co gushingira intahe Yezu+.

13 Maze gihagarara* ku musenyi w’ikiyaga.

Nca mbona igikoko+ kiduze kiva mu kiyaga+. Cari gifise amahembe cumi n’imitwe indwi. Amahembe yaco yariko ingori cumi, ariko imitwe yaco yariko amazina yo gutuka Imana*. 2 Igikoko nabonye cari kimeze nk’ingwe, ariko amaguru yaco yari ameze nk’ay’idubu, kandi umunwa waco wari umeze nk’uw’intambwe. Ca gisato+ gica giha ico gikoko ububasha bwaco, intebe y’ubwami yaco n’ubushobozi bukomeye+.

3 Hanyuma mbona umwe mu mitwe yaco wasa n’uwakomeretse uhakwa gupfa, ariko ico gikomere cica cari cakize+. Ababa kw’isi bose baca bakurikira ico gikoko bagitangariye. 4 Baraheza basenga ca gisato kuko cahaye ububasha ico gikoko, bongera basenga ico gikoko mu kuvuga bati: «Ni nde ameze nk’iki gikoko, kandi ni nde yoshobora kukirwanya?» 5 Maze ico gikoko gihabwa akanwa kavuga amajambo y’ubwishime n’ayo gutuka Imana*, gihabwa n’ububasha bwo gukora mu kiringo c’amezi 42+. 6 Gica cugurura akanwa kaco kugira gituke Imana+, kiraheza gituka izina ryayo, aho iba, mbere n’ababa mw’ijuru+. 7 Caremerewe kurwanya aberanda no kubatsinda+, kandi carahawe ububasha ku miryango yose, amoko yose, indimi zose n’amahanga yose. 8 Ababa kw’isi bose bazogisenga, kandi uhereye kw’ishingwa ry’isi, nta n’umwe muri bo izina ryiwe ryanditswe mu muzingo w’ubuzima+ wa wa Mwagazi w’intama wicwa+.

9 Uwuri n’ugutwi niyumve+. 10 Uwutegerezwa kugirwa imbohe, azogirwa imbohe. Uwicisha inkota*, azokwicwa n’inkota+. Aho rero ni ho hasaba ko abagororotsi+ bagira ukwihangana+ n’ukwizera+.

11 Hanyuma mbona ikindi gikoko kiduga kiva mw’isi. Cari gifise amahembe abiri nk’umwagazi w’intama, mugabo gitangura kuvuga nk’igisato+. 12 Kiraheza gikoresha ububasha bwose bwa ca gikoko ca mbere+, kibukoresha na co kibona. Gituma isi n’abayibako basenga ca gikoko ca mbere, kimwe cakira igikomere cica+. 13 Gikora ibitangaro bikomeye, mbere kigatuma umuriro ukorokera kw’isi uvuye mw’ijuru, abantu babona.

14 Kizimiza ababa kw’isi gikoresheje ibitangaro cemerewe gukorera imbere ya ca gikoko, kikababwira kandi ngo bakore ishusho+ ya ca gikoko cakomereka kigahakwa gupfa ariko kigakira+. 15 Hanyuma cemererwa guha ubuzima* ishusho ya ca gikoko, kugira ngo iyo shusho igire ubushobozi bwo kuvuga n’ubwo kwicisha abantu bose banka gusenga iyo shusho.

16 Kirahata abantu bose, abato n’abahambaye, abatunzi n’abakene, abidegemvya n’abashumba, ngo bashirweko ikimenyetso ku kuboko kw’ukuryo canke mu ruhanga+, 17 kugira ntihagire umuntu n’umwe ashobora kugura canke kugurisha adafise ico kimenyetso, ni ukuvuga izina+ ry’ico gikoko canke igitigiri c’izina ryaco+. 18 Aho rero ni ho hasaba ubukerebutsi: uwufise ubwenge* naharure igitigiri c’ico gikoko, kuko ari igitigiri c’umuntu. Ico gitigiri ni 666+.

14 Ngize gutya, mbona wa Mwagazi w’intama+ ahagaze ku musozi Siyoni+, ahagararanye n’abantu 144.000+ bafise izina ryiwe n’izina rya Se+ yanditswe mu ruhanga rwabo. 2 Numva ijwi rivuye mw’ijuru, rimeze nk’ijwi ry’amazi menshi n’iry’umuturagaro ukomeye. Ijwi numvise ryari rimeze nk’ijwi ry’abaririmvyi baririmba bajanisha n’inanga zabo. 3 Bariko baririmba ururirimbo womengo ni rushasha+, bari imbere ya ya ntebe y’ubwami n’imbere ya vya binyabuzima bine+ na ba bakurambere+. Nta n’umwe yashoboye kumenya neza urwo ruririmbo, kiretse vya 144.000+ baguzwe bakuwe mw’isi. 4 Abo ni bo batihumanishije abagore. Ni amasugi+. Ni bo baguma bakurikira wa Mwagazi w’intama aho aja hose+. Baguzwe+ bakuwe mu bantu ngo babe nk’ivyamwa vyeze ubwa mbere*+ bishikaniwe Imana na wa Mwagazi w’intama, 5 kandi nta kinyoma cabonetse mu kanwa kabo. Ntibagira akanenge*+.

6 Maze mbona uwundi mumarayika ariko araguruka mu kirere*, kandi yari afise inkuru nziza y’ibihe bidahera yo kumenyesha ababa kw’isi, amahanga yose, imiryango yose, indimi zose n’amoko yose+. 7 Asemerera n’ijwi rirenga ati: «Nimutinye Imana kandi muyininahaze, kuko igihe c’uko ica urubanza cashitse+. Nimusenge rero umwe yarema ijuru n’isi n’ikiyaga+ n’amasoko* y’amazi.»

8 Haza uwundi mumarayika agira kabiri, maze avuga ati: «Yatemvye! Babiloni Akomeye+ yatemvye+, umwe yatuma amahanga yose anywa umuvinyu w’ubusambanyi* bwiwe bukaze*+!»

9 Haza uwundi mumarayika agira gatatu, maze avuga n’ijwi rirenga ati: «Nihagira uwusenga ca gikoko+ n’ishusho yaco, kandi akemera gushirwako ikimenyetso mu ruhanga canke ku kuboko+, 10 na we nyene azonywa ku muvinyu w’uburake bw’Imana wasutswe utavanze mu gikombe c’uburake bwayo+, kandi azobabazwa n’umuriro n’amazuku*+ imbere y’abamarayika beranda na wa Mwagazi w’intama. 11 Umwotsi w’ugusha kwabo uzoguma uduga gushika ibihe bidahera+. Abasenga ico gikoko n’ishusho yaco, kandi bagashirwako ikimenyetso c’izina ryaco+, ntibazoronka agahengwe ijoro n’umurango. 12 Aho ni ho hasaba ko aberanda bihangana+, bamwe baguma bubahiriza amabwirizwa y’Imana kandi bakaguma bizeye+ Yezu.»

13 Maze numva ijwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: «Andika uti: hahiriwe abapfuye bunze ubumwe n’Umukama+ guhera ubu kubandanya. Egome, ni ko impwemu ivuze, nibaruhuke umuruho wabo, kuko ibikorwa vyabo bitazokwigera vyibagirwa*.»

14 Ngize gutya, mbona igicu cera kandi uwari acicayeko yasa n’umwana w’umuntu+. Yari yambaye urugori rw’inzahabu ku mutwe, afise n’agakero gakarishe mu minwe.

15 Haseruka uwundi mumarayika avuye mu rusengero*, maze abwira n’ijwi rirenga umwe yicaye ku gicu ati: «Rungika agakero kawe wimbure, kuko igihe co kwimbura cageze, kandi ivyimburwa vyo kw’isi bireze neza+.» 16 Umwe yicaye ku gicu aca arungika agakero kiwe kw’isi, maze ivyimburwa vyo kw’isi birimburwa.

17 Haca haseruka uwundi mumarayika avuye mu rusengero rwo mw’ijuru, kandi na we nyene yari afise agakero gakarishe.

18 Haca haseruka uwundi mumarayika avuye ku gicaniro, kandi yari afise ububasha ku muriro. Asemerera n’ijwi rirenga abwira umwe afise agakero gakarishe ati: «Rungika agakero kawe gakarishe maze wimbure umuzabibu* wo kw’isi, kuko inzabibu zawo zeze+.» 19 Uwo mumarayika aca arungika agakero kiwe maze yimbura umuzabibu wo kw’isi, araheza aterera inzabibu zawo mu ruganiro runini rw’ishavu ry’Imana+. 20 Izo nzabibu* zica ziganirwa inyuma y’igisagara, umutobe* uvuye mu ruganiro rwazo uraduga gushika ku minwa y’amafarasi, ku burebure bwa sitadiyo 1.600*.

15 Maze mbona mw’ijuru ikindi kimenyetso gikomeye kandi gitangaje: abamarayika indwi+ bafise ivyago indwi. Ivyo vyago ni vyo vya nyuma, kuko ari vyo birangiza ishavu ry’Imana+.

2 Maze mbona ikintu kimeze nk’ikiyaga c’ikiyo+ kivanze n’umuriro. Iruhande y’ico kiyaga c’ikiyo hari hahagaze abatsinze+ ca gikoko, ishusho yaco+ n’igitigiri c’izina ryaco+, kandi bari bafise inanga z’Imana. 3 Bariko baririmba ururirimbo rwa Musa+ umusavyi w’Imana n’ururirimbo rwa wa Mwagazi w’intama+, bavuga bati:

«Ewe Yehova* Mana Mushoboravyose+, ibikorwa vyawe+ birakomeye kandi ni agatangaza. Inzira zawe ziragororotse kandi ni iz’ukuri+, Mwami w’ibihe bidahera+. 4 Ewe Yehova*, ni nde atazogutinya canke atazoninahaza izina ryawe+? Kuko ari wewe wenyene uri intahemuka! Amahanga yose azoza imbere yawe agusenge+, kuko wahishuye ingingo zawe zigororotse.»

5 Inyuma y’ivyo, mbona ihema ryeranda*+ ryuguruwe mw’ijuru+. 6 Ba bamarayika indwi bafise ivyago indwi+ baca barasohoka bava muri iryo hema ryeranda, bambaye impuzu z’ilino zisukuye kandi zikayangana, bakenyeye n’imikanda y’inzahabu mu bikiriza vyabo. 7 Kimwe muri vya binyabuzima bine gica giha abo bamarayika indwi amabakure indwi y’inzahabu. Ayo mabakure yari yuzuye ishavu ry’Imana+, imwe yamaho gushika ibihe bidahera. 8 Umwotsi uca wuzura muri iryo hema ryeranda kubera ubuninahazwa bw’Imana+ no kubera ububasha bwayo. Nta n’umwe yashoboye kwinjirayo ivyo vyago indwi+ vy’abamarayika indwi bitarahera.

16 Nca numva ijwi rirenga rivuye mu rusengero*+, maze ribwira ba bamarayika indwi riti: «Genda musuke kw’isi ayo mabakure indwi y’ishavu ry’Imana+.»

2 Uwa mbere aca aragenda, asuka ibakure yiwe kw’isi+. Abantu bafise ikimenyetso ca ca gikoko+ n’abasenga ishusho yaco+ baca bafatwa n’ibisebe bibabaza kandi bikaze+.

3 Uwa kabiri asuka ibakure yiwe mu kiyaga+. Gica gihinduka amaraso+ nk’ay’umuntu yapfuye, ibinyabuzima vyose birapfa, emwe ikintu cose cari mu kiyaga+.

4 Uwa gatatu asuka ibakure yiwe mu nzuzi no mu masoko* y’amazi+. Bica bihinduka amaraso+. 5 Nca numva umumarayika w’amazi avuze ati: «Wewe uriho kandi wamyeho+, uri Imana idahemuka+. Uragororotse kuko washikije izo manza+. 6 Barasheshe amaraso y’aberanda n’ay’abahanuzi+, none nawe ubahaye amaraso ngo banywe+. Barabikwiriye+.» 7 Nca numva igicaniro kivuze giti: «Egome, Yehova* Mana Mushoboravyose+, imanza* zawe ni iz’ukuri kandi ziragororotse+.»

8 Uwa kane asuka ibakure yiwe ku zuba+. Izuba rica rihabwa ububasha bwo guturira abantu. 9 Maze abantu baturirwa n’ubushuhe bukaze, ariko baca batuka* izina ry’Imana ifise ububasha kuri ivyo vyago. Ntibigeze bigaya canke ngo baninahaze Imana.

10 Uwa gatanu asuka ibakure yiwe ku ntebe y’ubwami ya ca gikoko. Ubwami bwaco buca buhinduka umwiza+, maze abantu batangura kwihekenya indimi kubera umubabaro, 11 ariko baca batuka Imana yo mw’ijuru kubera imibabaro yabo n’ibisebe vyabo. Ntibigeze bigaya ibikorwa vyabo.

12 Uwa gatandatu asuka ibakure yiwe kuri rwa ruzi runini, ari rwo Efurate+. Amazi yarwo aca arakama+, kugira hategurwe inzira y’abami+ bava mu buseruko.

13 Maze mbona mu kanwa ka ca gisato+, mu kanwa ka ca gikoko no mu kanwa ka wa muhanuzi w’ikinyoma havayo amajambo atatu yahumetswe ahumanye*, asa n’ibikere. 14 Nkako, ayo ni amajambo yahumetswe n’amadayimoni kandi ayo majambo arakora ibitangaro+, akaja ku bami bo kw’isi yose kugira abakoranirize ku ntambara+ yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose+.

15 «Ehe ndaje nk’igisuma+. Hahiriwe uwuguma ari maso+ kandi akaguma yambaye impuzu ziwe* kugira ntagende ari gusa, maze abantu bakabona ubwambure bwiwe+.»

16 Ayo majambo yahumetswe abakoraniriza ahantu hitwa Harumagedoni*+ mu giheburayo.

17 Uw’indwi na we asuka ibakure yiwe mu kirere. Ijwi rirenga rica riva mu rusengero*+ kuri ya ntebe y’ubwami, rivuga riti: «Birarangiye!» 18 Haca haba imiravyo, amajwi n’imituragaro, haba na nyamugigima ikomeye cane itari bwigere ibaho kuva abantu babaye kw’isi+, emwe nyamugigima ikomeye cane kandi ishika kure cane. 19 Ca gisagara gikomeye+ gica gisadukamwo gutatu, n’ibisagara vy’amahanga birasenyuka. Imana ica yibuka Babiloni Akomeye+, kugira imunyweshe igikombe c’umuvinyu w’uburake bwayo bukaze+. 20 Vyongeye, amazinga yose arahunga n’imisozi irazimangana+. 21 Maze amabuye y’urubura rukomeye akoragurikira ku bantu avuye mw’ijuru+. Urubura rumwerumwe rwapima nk’italanto*. Abantu baca batangura gutuka Imana* kubera ico cago c’urubura+, kuko cari gikomeye bidasanzwe.

17 Umwe muri ba bamarayika indwi bari bafise amabakure indwi+ araza, ambwira ati: «Ingo nkwereke urubanza rwaciriwe wa mumaraya akomeye yicaye ku mazi menshi+, 2 umwe yasambana*+ n’abami bo kw’isi, ababa kw’isi na bo bakaborerwa umuvinyu w’ubusambanyi* bwiwe+.»

3 Araheza anjana mu bugaragwa biciye ku bubasha bw’impwemu. Maze mbona umugore yicaye ku gikoko gitukura* cuzuye amazina yo gutuka Imana*, kandi cari gifise imitwe indwi n’amahembe cumi. 4 Uwo mugore yari yambaye impuzu zisa n’umuyugubwe*+ n’izitukura. Yari ashajije n’inzahabu, amabuye y’agaciro n’imaragarita*+. Yari afise mu minwe igikombe c’inzahabu cuzuye ibintu bishisha kandi bihumanye vy’ubusambanyi* bwiwe. 5 Mu ruhanga rwiwe hari handitse izina ry’akabanga ngo: «Babiloni Akomeye, nyina w’abamaraya+ n’uw’ibintu bishisha vyo kw’isi+.» 6 Uwo mugore namubonye yaborewe amaraso y’aberanda n’ay’ivyabona vya Yezu+.

Erega ndamubonye, ndatangara cane. 7 Wa mumarayika aca ambwira ati: «Kubera iki utangaye? Ngira ndakubwire akabanga k’uwo mugore+ n’ak’ico gikoko yicayeko gifise imitwe indwi n’amahembe cumi+: 8 ico gikoko wabonye cariho ariko ntikikiriho, mugabo kigira kiduge kiva mu nyenga+, kandi kibwirizwa kurandurwa. Ababa kw’isi bazotangara nibabona ingene ico gikoko cariho hanyuma kikavaho, ariko kigasubira kubaho. Amazina yabo ntiyanditswe mu gitabu c’ubuzima+ kuva kw’ishingwa ry’isi.

9 Aha rero ni ho hasaba ubwenge* n’ubukerebutsi: iyo mitwe indwi+ igereranya imisozi indwi uwo mugore yicayeko. 10 Ni abami indwi: batanu baravuyeho, umwe aracariho, uwundi na we ntarashika, ariko niyashika azomara igihe gito. 11 Kirya gikoko cariho ariko kikaba kitakiriho+, na co nyene ni umwami agira umunani, ariko kiva kuri ba bami indwi kandi kizorandurwa.

12 Ayo mahembe cumi wabonye agereranya abami cumi batararonka ubwami, ariko bazoronka ububasha bwo kuganza isaha imwe, bafadikanije n’ico gikoko. 13 Abo bafise umugambi* umwe, bagaha ico gikoko ububasha bwabo n’ubushobozi bwabo. 14 Bazorwana na wa Mwagazi w’intama+, ariko uwo Mwagazi w’intama azobatsinda+, kuko ari Umukama w’abakama n’Umwami w’abami+. Kandi n’abazoba bari kumwe na we bahamagawe, batowe kandi b’abizigirwa, na bo nyene bazotsinda+.»

15 Hanyuma ambwira ati: «Amazi wabonye, amwe urya mumaraya yari yicayeko, agereranya amoko y’abantu, amasinzi y’abantu, amahanga n’indimi+. 16 Arya mahembe cumi+ wabonye na kirya gikoko+ bizokwanka urya mumaraya+, bimunyage ivyo afise vyose, bimusige ari gusa. Bizorya inyama ziwe zose maze bimuturire ashe ahere+. 17 Kuko Imana yashize mu mitima yabo gushitsa iciyumviro cayo+, emwe gushitsa umugambi* wabo umwe wo guha ubwami bwabo ca gikoko+, gushika amajambo y’Imana arangutse. 18 Umugore+ wabonye na we agereranya ca gisagara kinini kiganza abami bo kw’isi.»

18 Inyuma y’ivyo, mbona uwundi mumarayika amanuka ava mw’ijuru afise ububasha bwinshi, kandi ubuninahazwa bwiwe bwarabonesha kw’isi. 2 Aca arasemerera n’ijwi rikomeye ati: «Yatemvye! Babiloni Akomeye yatemvye+, yacitse ikibanza c’amadayimoni, ubuhungiro bw’impwemu* zose zihumanye n’inyoni zose zihumanye kandi zankwa+! 3 Kubera umuvinyu w’ubusambanyi* bwiwe bukaze*, amahanga yose yaraguye mu mutego wiwe+, abami bo kw’isi na bo barakoranye ubusambanyi na we+, kandi abadandaza* bo kw’isi baratungishijwe n’ibihinda vyiwe vy’agaterasoni.»

4 Nca numva irindi jwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: «Nimuve iwe bantu banje+, nimba mudashaka gusangira na we ibicumuro vyiwe no gushikirwa n’ivyago bigira bimushikire+! 5 Kuko ibicumuro vyiwe vyarundanye gushika kw’ijuru+, kandi Imana yibutse akarenganyo* kiwe+. 6 Nimumugirire ivyo yagiriye abandi+, emwe ivyo yakoze mubigwize kabiri+. Igikombe+ yavangiyemwo abandi umuvinyu, nimukimuvangire kabiri+. 7 Urugero yashikanyeko mu kwininahaza no mu kwibera mu bihinda vy’agaterasoni, abe ari rwo mugezako mu kumubabaza no mu kumushira mu kigandaro. Kuko aguma yibwira ngo: “Nicaye nk’umwamikazi, sindi umupfakazi kandi sinzokwigera mbona ikigandaro+.” 8 Ni co gituma ivyago vyiwe bizoza ku musi umwe: urupfu, ikigandaro n’inzara, kandi azosha ahere+, kuko Yehova* Imana yamuciriye urubanza akomeye+.

9 Abami bo kw’isi bahora basambana* na we kandi bagasangira na we ibihinda vyiwe vy’agaterasoni, bazomuririra bikubitagure ku gikiriza kubera intuntu, nibabona umwotsi wiwe igihe azoba ariko arasha. 10 Bazohagarara kure kubera batinya ukubabazwa kwiwe, bavuge bati: “Birababaje, birababaje kubona urubanza rwawe, wewe Babiloni igisagara kinini kandi gikomeye+, rushika mw’isaha imwe!”

11 Abadandaza bo kw’isi na bo nyene baramuririra, bakamugandarira, kuko ata wundi azosubira kubagurira ibidandazwa vyabo: 12 inzahabu, ifeza, amabuye y’agaciro, imaragarita*, impuzu z’ilino* nziza, impuzu z’umuyugubwe*, iz’iharire n’iz’agahama, ibintu vyose bikozwe mu biti bimota n’ibikoresho vyose bikozwe mu masenge*, mu mbaho z’agaciro, mu mujumpu, mu cuma no mu mabuye meza cane*. 13 Nta n’uwuzosubira kubagurira ibirungo vyitwa kanele*, amome, imibavu, amavuta amota neza, olibani*, umuvinyu, amavuta y’imyelayo*, ifu inoze, ingano, inka, intama, amafarasi, imikogote, abashumba hamwe n’abantu. 14 Emwe, ibintu vyizavyiza wahora wipfuza vyakuvuyeko, kandi ivyo kurya vyose binovereye n’ibindi vyiza vyose vyaguhezeko, ntuzosubira kubironka.

15 Abadandaza bahora bagurisha ivyo bintu kandi batungishijwe na we, bazohagarara kure kubera batinya ukubabazwa kwiwe, bamuririre kandi bamugandarire, 16 bavuge bati: “Birababaje, birababaje! Ca gisagara kinini, kimwe cahora cambara impuzu z’ilino nziza, iz’umuyugubwe n’iz’agahama, kikambara n’udusharizo tw’inzahabu, amabuye y’agaciro n’imaragarita+, 17 ubutunzi bwaco bwose bwatikiye mw’isaha imwe!”

Abakapitene b’amato* bose, abagira ingendo mu kiyaga bose, abasoza amato bose n’ababeshejweho n’ikiyaga bose bazohagarara kure, 18 bitegereze umwotsi wiwe igihe azoba ariko arasha, basemerere bati: “Hari ikindi gisagara cari kimeze nk’iki?” 19 Bazokwisurirako umukungugu ku mutwe, basemerere, barire bongere bagandare, bavuge bati: “Birababaje, birababaje kubona ca gisagara kinini catungisha abantu bose bafise amato* mu kiyaga, gitikira mw’isaha imwe+!”

20 Nuhimbarwe wa juru we+ kubera ivyamushikiye, na mwebwe aberanda+, intumwa n’abahanuzi nimuhimbarwe, kuko Imana yamuciriye urubanza kubera mwebwe+!»

21 Umumarayika akomeye aca aterura ikibuye kimeze nk’urusyo runini, agiterera mu kiyaga maze avuga ati: «Ukwo ni ko Babiloni ca gisagara kinini kizotemba mu kanya isase, kandi ntikizosubira kuboneka+. 22 Iwe ntihazosubira kwumvikana ijwi ry’abaririmvyi bajanisha n’inanga, abacuraranzi, abavuza imyironge n’abavuza inzumbete. Nta bahinga bakora utugenegene bazosubira kuboneka iwe, kandi nta jwi ry’urusyo rizosubira kwumvikana iwe. 23 Nta muco w’itara uzokwongera kwaka iwe, kandi nta jwi ry’umukwe canke ry’umugeni rizokwongera kwumvikana iwe. Abadandaza biwe bari abantu bakomakomeye bo kw’isi, kandi amahanga yose yarazimijwe n’ubupfumu bwiwe+. 24 Emwe, iwe ni ho habonetse amaraso y’abahanuzi, ay’aberanda+ n’ay’abantu bose bishwe kw’isi+.»

19 Inyuma y’ivyo, numva ikintu kimeze nk’ijwi rirenga ry’isinzi rinini riri mw’ijuru, rivuga riti: «Shemeza Yehova*+! Ubukiriro, ubuninahazwa n’ububasha ni ivy’Imana yacu, 2 kuko imanza zayo ari iz’ukuri kandi ziragororotse+. Yarashikije urubanza yaciriye wa mumaraya akomeye, umwe yonona isi akoresheje ubusambanyi* bwiwe, kandi yarahoye amaraso y’abashumba bayo uwo mumaraya yavishije*+.» 3 Ubwo nyene iryo sinzi rica rivuga ubugira kabiri riti: «Shemeza Yehova*+! Kuko umwotsi wa wa mumaraya uguma uduga gushika ibihe bidahera+.»

4 Ba bakurambere 24+ na vya binyabuzima bine+ bica birapfukama, maze bisenga Imana yicaye kuri ya ntebe y’ubwami, bivuga biti: «Amen! Shemeza Yehova*+!»

5 Hanyuma ijwi rivuye kuri ya ntebe y’ubwami rivuga riti: «Nimushemeze Imana yacu, mwebwe mwese abashumba bayo+ muyitinya, abato n’abahambaye+.»

6 Maze numva ijwi rimeze nk’iry’isinzi rinini, nk’iry’amazi menshi, nk’iry’imituragaro ikomeye, rivuga riti: «Shemeza Yehova*+, kuko Yehova* Imana yacu Mushoboravyose+ yatanguye kuganza+. 7 Nimuze tunezerwe, duhimbarwe cane! Nimuze tumuninahaze, kuko ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama bwageze, kandi umugore wiwe yiteguye. 8 Egome, yaratewe iteka ryo kwambara impuzu y’ilino* nziza, yakaka kandi isukuye, kuko iyo mpuzu y’ilino nziza igereranya ibikorwa bigororotse vy’aberanda+.»

9 Aca ambwira ati: «Andika uti: hahiriwe abatumiwe ku nzimano* y’ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama+.» Yongerako ati: «Ayo ni amajambo y’Imana, kandi ni ay’ukuri.» 10 Nca ndapfukama* imbere y’ibirenge vyiwe kugira ndamusenge. Ariko aca ambwira ati: «Uragaba! Ntukore ivyo+! Ndi umushumba mugenzawe gusa n’umushumba mugenzi wa benewanyu bafise igikorwa co gushingira intahe Yezu+. Nusenge Imana+! Kuko ubuhanuzi bufise intumbero yo gushingira intahe Yezu+.»

11 Hanyuma mbona ijuru ryuguruye, nca mbona n’ifarasi yera+. Uwari ayicayeko yitwa Mwizigirwa+ na Munyakuri+, kandi aca imanza akongera akarwana intambara mu bugororotsi+. 12 Amaso yiwe ni urubeya rw’umuriro+, kandi yambaye ingori nyinshi ku mutwe. Afise izina ryanditswe kuri we ata wundi arizi kiretse we. 13 Yambaye impuzu iriko* amaraso, kandi yitwa Jambo+ w’Imana. 14 Vyongeye, ingabo zo mw’ijuru zariko ziramukurikira ziri ku mafarasi yera, zambaye impuzu z’ilino nziza, zera kandi zisukuye. 15 Mu kanwa kiwe hariko havayo inkota ndende ikarishe+ kugira ayikubite amahanga, kandi azoyaragiza inkoni y’icuma+. Vyongeye, ni we aganira mu ruganiro umuvinyu w’ishavu rikaze ry’Imana Mushoboravyose+. 16 Ku mpuzu yiwe, emwe kw’itako ryiwe, hari izina ryanditswe ngo: Umwami w’abami n’Umukama w’abakama+.

17 Mbona kandi umumarayika ahagaze mu zuba, maze asemerera n’ijwi rirenga abwira inyoni zose ziguruka mu kirere* ati: «Nimuze mukoranire ku nzimano* nyinshi Imana yabateguriye+, 18 kugira murye inyama z’abami, iz’abakuru mu gisirikare*, iz’abantu bakomakomeye+, iz’amafarasi n’abayagenderako+, emwe murye inyama z’abantu bose, iz’abidegemvya n’abashumba, iz’abantu batobato n’abahambaye.»

19 Maze mbona ca gikoko n’abami b’isi n’ingabo zabo bikoraniye hamwe kugira birwanye umwe yicaye kuri ya farasi n’ingabo ziwe+. 20 Ca gikoko gica kirafatwa, hamwe na wa muhanuzi w’ikinyoma+ yahora akorera ibimenyetso imbere yaco kugira azimize abashizweko ikimenyetso c’ico gikoko+ n’abasenga ishusho yaco+. Vyose uko ari bibiri bica bitererwa mu kiyaga caka umuriro n’amazuku*, bikiri bizima+. 21 Ariko abasigaye bose, bicwa na ya nkota ndende iva mu kanwa k’umwe yicaye kuri ya farasi+. Inyoni zose ziraheza zihaga inyama zabo+.

20 Hanyuma mbona umumarayika amanuka ava mw’ijuru afise mu minwe urupfunguruzo rw’inyenga+ n’umunyororo munini. 2 Aca afata ca gisato+, ya nzoka yo mu ntango+, ari yo Mubesheranyi*+ na Shetani+, arakiboha kugira kimare imyaka 1.000 kiboshwe. 3 Agikororera mu nyenga+, arayugara maze ashira ikimenyetso hejuru yaco, kugira nticongere kuzimiza amahanga gushika iyo myaka 1.000 iheze. Inyuma y’aho kibwirizwa kurekurwa igihe gitoyi+.

4 Nca mbona intebe z’ubwami, maze abazicayeko bahabwa ububasha bwo guca imanza. Egome, mbona amaraso* y’abishwe* bahorwa gushingira intahe Yezu no kuvuga ivyerekeye Imana, n’ayabatasenze ca gikoko canke ishusho yaco kandi batemeye gushirwako ca kimenyetso mu ruhanga rwabo canke ku maboko yabo+. Nuko baba bazima, baraheza baganza hamwe na Kristu+ imyaka 1.000. 5 (Abandi bapfuye+ ntibaba bazima iyo myaka 1.000 itarahera.) Iryo ni ryo zuka rya mbere+. 6 Abari muri iryo zuka rya mbere barahiriwe kandi ni beranda+. Urupfu rwa kabiri+ nta bubasha rubafiseko+, ahubwo bazoba abaherezi+ b’Imana na Kristu, kandi bazoganza bari kumwe na we iyo myaka 1.000+.

7 Iyo myaka 1.000 ikimara guhera, Shetani azorekurwa ave mw’ibohero, 8 kandi azosohoka kugira azimize amahanga ari ku mpande zine z’isi, ari yo Gogi na Magogi, kugira ayakoranirize hamwe ku bw’intambara. Igitigiri c’abazozimizwa na we kingana n’umusenyi wo ku kiyaga. 9 Maze bakwiragira isi yose, bakikuza ikambi y’aberanda na ca gisagara gikundwa n’Imana. Ariko umuriro uvuye mw’ijuru uca urakoroka urabarigata bose+. 10 Shetani* rero, umwe yahora abazimiza, aca atererwa mu kiyaga caka umuriro n’amazuku*, asangayo ca gikoko+ na wa muhanuzi w’ikinyoma+. Bazobabazwa* ijoro n’umurango gushika ibihe bidahera.

11 Hanyuma mbona intebe y’ubwami yera nini n’uwari ayicayeko+. Isi n’ijuru bica birahunga biva imbere yiwe+, ikibanza cavyo nticasubira kuboneka. 12 Ndaheza mbona abapfuye, abahambaye n’abantu batobato, bahagaze imbere y’iyo ntebe maze imizingo irazingururwa. Hanyuma uwundi muzingo urazingururwa, ni wo muzingo w’ubuzima+. Abapfuye baca bacirwa imanza ku vyo bakoze, hisunzwe ivyanditse muri iyo mizingo+. 13 Ikiyaga kirekura abapfuye bo muri co, urupfu n’ukuzimu na vyo nyene birekura abapfuye bo muri vyo, maze bacirwa imanza hisunzwe ivyo umwumwe wese yakoze+. 14 Urupfu n’ukuzimu bica bitererwa mu kiyaga caka umuriro+. Ico kiyaga caka umuriro+ kigereranya urupfu rwa kabiri+. 15 Vyongeye, umuntu wese atanditswe muri ico gitabu c’ubuzima+ atererwa muri ico kiyaga caka umuriro+.

21 Maze mbona ijuru rishasha n’isi nshasha+, kuko ijuru rya kera n’isi ya kera vyari vyavuyeho+, kandi n’ikiyaga+ nticari kikiriho. 2 Mbona kandi ca gisagara ceranda, ari co Yeruzalemu nshasha, kimanuka kiva ku Mana mw’ijuru+. Cari citeguye nk’umugeni yisharije arindiriye kwakira umugabo wiwe+. 3 Nca numva ijwi rirenga rivuye kuri ya ntebe y’ubwami rivuga riti: «Ehe ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kandi izobana na bo, na bo bazoba abantu bayo. Imana ubwayo izobana na bo+. 4 Izohanagura amosozi yose ku maso yabo+, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho+. Nta kigandaro canke amaborogo canke ububabare bizoba bikiriho+. Ivya kera bizoba vyavuyeho.»

5 Umwe yicaye kuri ya ntebe y’ubwami+ aca avuga ati: «Ehe ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha+.» Yongerako ati: «Andika, kuko aya majambo ari ayo kwizigirwa n’ay’ukuri.» 6 Araheza ambwira ati: «Birarangutse! Ndi Alufa na Omega*, intango n’iherezo+. Uwunyotewe wese nzomuha ku buntu amazi avuye kw’isoko* ry’amazi y’ubuzima+. 7 Uwutsinda azotorana ivyo bintu, kandi nzoba Imana yiwe, na we abe umwana wanje. 8 Ariko abanyabwoba, abatagira ukwizera+, abantu bahumanye kandi bakora ibisesemye, abicanyi+, abasambanyi*+, abakora ivy’ubupfumu, abasenga ibigirwamana n’ababeshi bose+, bazotererwa muri ca kiyaga caka umuriro n’amazuku*+. Ico kiyaga gisobanura urupfu rwa kabiri+.»

9 Umwe muri ba bamarayika indwi bari bafise amabakure indwi yuzuye ivyago indwi vya nyuma+, aca araza maze ambwira ati: «Ingo ndakwereke wa mugeni, umugore wa wa Mwagazi w’intama+.» 10 Araheza anjana ku musozi munini kandi muremure biciye ku bubasha bw’impwemu, maze anyereka ca gisagara ceranda Yeruzalemu, kiriko kimanuka kiva ku Mana mw’ijuru+, 11 gifise ubuninahazwa bw’Imana+. Caraca ibibatsi nk’ibuye ry’agaciro kanini cane, nk’ibuye ryitwa yasipi rikayangana nka kirisitalo+. 12 Cari gifise uruzitiro runini kandi rurerure ruriko amarembo 12. Iruhande y’ayo marembo hariho abamarayika 12, kandi yari yanditseko amazina y’imiryango 12 y’Abisirayeli. 13 Mu buseruko hari amarembo atatu, mu buraruko amarembo atatu, mu bumanuko amarembo atatu, no mu burengero amarembo atatu+. 14 Uruzitiro rw’ico gisagara rwari rufise kandi amabuye y’umushinge 12, kandi ayo mabuye yari yanditseko amazina 12 ya za ntumwa 12+ za wa Mwagazi w’intama.

15 Uwariko avugana nanje yari afise irenga ry’inzahabu ryo gupimisha, kugira apime ico gisagara, amarembo yaco n’uruzitiro rwaco+. 16 Ico gisagara cari ikwadarato, uburebure bwaco bwangana n’ubwaguke bwaco. Araheza apima ico gisagara akoresheje rya renga, maze atora sitadiyo 12.000*. Uburebure bwaco, ubwaguke bwaco n’amahagarara yaco vyarangana. 17 Apima n’uruzitiro rwaco, maze atora intambwe 144*, hisunzwe ingero y’umuntu, ikaba n’ingero y’umumarayika. 18 Urwo ruzitiro rwari rwubatswe n’amabuye yitwa yasipi+, kandi ico gisagara cari kigizwe n’inzahabu ityoroye imeze nk’ikiyo kibonerana. 19 Imishinge y’uruzitiro rwaco yari isharijwe n’amabuye y’agaciro y’ubwoko bwose: umushinge wa mbere wari yasipi, uwa kabiri safiro, uwa gatatu kalekedoni, uwa kane emerode, 20 uwa gatanu sarudonigisi, uwa gatandatu sarudiyo, uw’indwi kirizolito, uw’umunani berulo, uw’icenda topazi, uw’icumi kirusopuraso, uw’icumi na rimwe yasenti, uw’icumi na kabiri na wo ametisito. 21 Vyongeye, amarembo 12 yaco yari agizwe n’imaragarita 12. Irembo rimwerimwe ryose ryari rigizwe n’imaragarita imwe. Ibarabara rikuru ry’ico gisagara ryari rigizwe n’inzahabu ityoroye, imeze nk’ikiyo kibonerana.

22 Sinabonye urusengero muri co, kuko Yehova* Imana Mushoboravyose+ ari we rusengero rwaco, hamwe na wa Mwagazi w’intama. 23 Ico gisagara nticari gikeneye izuba canke ukwezi ngo bikimurikire, kuko ubuninahazwa bw’Imana ari bwo bwakimurikira+, kandi itara ryaco yari wa Mwagazi w’intama+. 24 Amahanga azogenda amurikiwe n’umuco waco+, kandi abami b’isi bazozana ubuninahazwa bwabo muri co. 25 Amarembo yaco ntazokwigera yugarwa ku murango, kuko ata joro rizobaho+. 26 Ubuninahazwa n’iteka vy’amahanga bizozanwa muri ico gisagara+. 27 Mugabo umuntu wese ahumanye kandi akora ibintu bishisha akongera akabesha, ntazogenda acinjiyemwo+. Abanditswe mu muzingo w’ubuzima wa wa Mwagazi w’intama ni bo bonyene bazocinjiramwo+.

22 Maze anyereka uruzi rw’amazi y’ubuzima+, rurongorotse nk’ibuye ryitwa kirisitalo, rutemba ruva ku ntebe y’ubwami y’Imana no ku ya wa Mwagazi w’intama+, 2 rukamanuka ruciye hagati mw’ibarabara rikuru rya ca gisagara. Ku mpande zose z’urwo ruzi hariho ibiti vy’ubuzima vyera incuro 12 mu mwaka, bikama ivyamwa buri kwezi. Amababi y’ivyo biti yari ayo kuvura amahanga+.

3 Nta muvumo uzosubira kubaho. Intebe y’ubwami y’Imana n’iya wa Mwagazi w’intama+ izoba muri ico gisagara, kandi abashumba bayo bazoyikorera igikorwa ceranda. 4 Bazobona mu maso hayo+, kandi izina ryayo rizoguma ku ruhanga rwabo+. 5 Vyongeye, nta joro rizosubira kubaho+, kandi ntibazokenera umuco w’itara canke w’izuba, kuko Yehova* Imana azobamurikira+, kandi bazoganza gushika ibihe bidahera+.

6 Araheza ambwira ati: «Aya majambo ni ayo kwizigirwa kandi ni ay’ukuri+. Emwe, Yehova* Imana yahumekeye abahanuzi+, yararungitse umumarayika wiwe kwereka abashumba biwe ibintu bitegerezwa kuba vuba. 7 Ehe ndaje ningoga+. Hahiriwe umuntu yubahiriza amajambo y’ubuhanuzi ari muri uyu muzingo+.»

8 Erega jewe Yohani ni je numvise ivyo bintu nongera ndabibona. Aho mariye kuvyumva no kubibona, naciye mpfukama* imbere y’ibirenge vy’umumarayika yariko arabinyereka, kugira ndamusenge. 9 Mugabo ambwira ati: «Uragaba! Ntukore ivyo! Ndi umushumba mugenzawe gusa cokimwe na benewanyu b’abahanuzi be n’abubahiriza amajambo ari muri uyu muzingo. Nusenge Imana+.»

10 Ambwira kandi ati: «Amajambo y’ubuhanuzi ari muri uyu muzingo ntuyagire ibanga, kuko igihe Imana yashinze kiri hafi. 11 Uwutagororotse nabandanye gukora ibitagororotse, n’uwucafuye abandanye kwicafuza. Ariko uwugororotse nabandanye gukora ibigororotse, n’umweranda abandanye gukora ivy’ubweranda.

12 “Ehe ndaje ningoga, kandi nje mfise impembo, kugira mpembe umuntu wese nisunze ibikorwa vyiwe+. 13 Ndi Alufa na Omega*+, uwa mbere n’uwa nyuma, intango n’iherezo. 14 Hahiriwe abamesura amakanzu yabo+ kugira baronke uburenganzira bwo kuja kuri vya biti vy’ubuzima+ no kugira bashobore kwinjira muri ca gisagara baciye mu marembo yaco+. 15 Hanze hari imbwa*, abakora ivy’ubupfumu, abasambanyi*, abicanyi, abasenga ibigirwamana n’abakunda ibinyoma bose bakongera bakabesha+.

16 Jewe Yezu, narungitse umumarayika wanje gushingira intahe ivyo bintu ku neza y’amashengero. Ni jewe muzi w’uruvyaro rwa Dawidi+, na ya nyenyeri yo mu gatondo yakaka+.”»

17 Impwemu na wa mugeni+ biguma bivuga biti: «Ingo!» Uwo wese yumva navuge ati: «Ingo!» Kandi uwo wese anyotewe naze+. Uwushaka wese natore amazi y’ubuzima ku buntu+.

18 «Ndamenyesheje umuntu wese yumva amajambo y’ubuhanuzi ari muri uwu muzingo nti: nihagira uwugira ico yongeye kuri ibi bintu+, Imana izomwongera ivyago vyanditswe muri uyu muzingo+, 19 kandi nihagira uwugira ico akuye ku majambo ari mu muzingo w’ubu buhanuzi, Imana izokura umugabane wiwe muri vya biti vy’ubuzima+ no muri ca gisagara ceranda+, bikaba ari ibintu vyanditswe muri uyu muzingo.

20 Uwushingira intahe ibi bintu avuze ati: “Egome, ndaje ningoga+.”»

«Amen! Ingo Mukama Yezu.»

21 Ese ubuntu buhebuje* bw’Umukama Yezu bwobana n’aberanda!

Canke «ivyashizwe ahabona.»

Canke «wiwe.» Ni ukuvuga umushumba wa Yezu.

Ni ukuvuga Yohani.

Canke «ndi A na Z.» Alufa ni urudome rwa mbere mu rutonde rw’indome z’ikigiriki, Omega na yo ni urudome rwa nyuma.

Raba Inyongera ya A5.

Canke «nka shelegi.» Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.

Mu kigiriki havuga ngo «isinagogi.»

Mu kigiriki havuga ngo «wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).

Raba Insiguro y’amajambo.

Raba Insiguro y’amajambo.

Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «amakuba akomeye.»

Mu kigiriki havuga ngo «bigaye ibikorwa vyiwe.»

Canke «n’inyiyumvo z’ibwina.» Mu kigiriki havuga ngo «n’amafyigo.»

Canke «nube maso.»

Mu kigiriki havuga ngo «amazina makeyi.»

Mu kigiriki havuga ngo «abo mw’isinagogi ya Shetani.»

Canke «bikubite.»

Mu kigiriki havuga ngo «isaha.»

Canke «hamwe n’ibuye ry’agaciro ritukura.»

Raba Inyongera ya A5.

Raba Inyongera ya A5.

Mu kigiriki havuga ngo «imbere n’inyuma.»

Canke «hagati na hagati.»

Mu kigiriki iyo ngero yitwa konigisi. Yajamwo ilitiro irenga gatoyi. Raba Inyongera ya B14.

Cari igiceri c’ifeza c’Abaroma kingana n’umushahara w’umusi umwe. Raba Inyongera ya B14.

Canke «ntiwonone.»

Bayita kandi amavuta ya olive.

Canke «ubuzima.»

Bushobora kuba ari ubwoya bw’impene.

Canke «abakomanda.»

Canke «hagati na hagati.»

Canke «ku mariba.»

Canke «c’imeri.» Imeri ni ubwato bunini.

Canke «ku mariba.»

Canke «Bamba.»

Canke «w’itanure.»

Canke «utumina.»

Iryo zina risobanura ngo «agatikizo.»

Iryo zina risobanura ngo «uwutikiza.»

Canke «20.000 kugwiza 10.000.»

Ni ibintu bimeze nk’ifu vyaka cane. Mu gifaransa bavyita soufre.

Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.

Mu kigiriki havuga ngo «ibirenge.»

Canke «rirangiye.»

Canke «nk’inkoni yo gupimisha.»

Ni ukuvuga inyubakwa nyamukuru y’urusengero igizwe n’Aheranda hamwe n’Aheranda cane.

Ivyo biti vyama imyelayo (olive).

Canke «ikirere.»

Canke «bariko barabitegereza.»

Canke «kuri iyo saha.»

Raba Inyongera ya A5.

Canke «abahonya.»

Ni ukuvuga Aheranda cane h’urusengero.

Iryo zina risobanura ngo «ni nde ameze nk’Imana?»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ariko caraneshejwe.» Ni ukuvuga ca gisato.

Raba Insiguro y’amajambo.

Mu kigiriki havuga ngo «kuko wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).

Ni ukuvuga ibihe bitatu n’igice.

Mu kigiriki havuga ngo «mu rubuto.»

Ni ukuvuga ca gisato.

Canke «amazina yo kurogota.»

Mu kigiriki havuga ngo «n’ayo kurogota.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «uwutegerezwa kwicwa n’inkota.»

Mu kigiriki havuga ngo «impwemu.»

Canke «ugutahura kwimbitse.»

Canke «babe nk’umushuzo.»

Canke «ikirabagu.»

Canke «hagati mu kirere», «hejuru y’umutwe.»

Canke «n’amariba.»

Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «umuvinyu w’ishavu (icipfuzo gikaze) ry’ubusambanyi bwiwe.»

Raba akajambo k’epfo mu Ivh 9:17.

Canke «ibikorwa vyabo bica bibaherekeza.»

Ni ukuvuga Aheranda cane h’urusengero.

Canke «imisoko y’inzabibu.»

Mu kigiriki havuga ngo «urwo ruganiro.»

Mu kigiriki havuga ngo «amaraso.»

Ni nk’ibilometero 296. Sitadiyo imwe yangana n’imetero 185. Raba Inyongera ya B14.

Raba Inyongera ya A5.

Raba Inyongera ya A5.

Ni ukuvuga Aheranda cane h’urusengero. Mu kigiriki havuga ngo «ihema ry’icabona.»

Ni ukuvuga Aheranda cane h’urusengero.

Canke «mu mariba.»

Raba Inyongera ya A5.

Canke «ingingo.»

Canke «baca barogota.»

Mu kigiriki havuga ngo «havayo impwemu zitatu zihumanye.»

Mu kigiriki havuga ngo «akagumana impuzu ziwe zo hejuru.»

Harumagedoni ni ijambo ry’ikigiriki rivuye mw’ijambo ry’igiheburayo risobanura ngo «umusozi wa Megido.»

Ni ukuvuga Aheranda cane h’urusengero.

Italanto imwe y’Abagiriki yangana n’ibilo 20,4. Raba Inyongera ya B14.

Canke «kurogota ku Mana.»

Raba Insiguro y’amajambo (Ubusambanyi).

Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «gisa n’agahama.»

Canke «yo kurogota.»

Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).

Ni utubuye tw’agaciro tumeze nk’utudede twiremarema mu dukoko tumwetumwe two mu mazi, nk’ibifyera n’ibindi.

Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «ubumenyi.»

Canke «iciyumviro.»

Canke «iciyumviro.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «bw’impemu», «bw’ijambo rihumetswe.»

Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «umuvinyu w’ishavu (icipfuzo gikaze) ry’ubusambanyi bwiwe.»

Canke «abadandaza b’ingenzi.»

Canke «ivyaha.»

Raba Inyongera ya A5.

Raba Insiguro y’amajambo (Ubusambanyi).

Raba akajambo k’epfo mu Ivh 17:4.

Raba Insiguro y’amajambo.

Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).

Amasenge ni amenyo y’ibikoko bimwebimwe nk’inzovu n’ibindi.

Canke «mu mabuye yitwa marimari.» Ni amabuye afise amabara atandukanye.

Canke «umudarasini.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Bayita kandi amavuta ya olive.

Canke «b’imeri.» Imeri ni ubwato bunini.

Canke «imeri.» Imeri ni ubwato bunini.

Canke «haleluya!» Mu kigiriki havuga ngo «shemeza Ya!» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»

Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «amaraso y’abashumba bayo ari ku maboko yiwe.»

Canke «haleluya!» Mu kigiriki havuga ngo «shemeza Ya!» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»

Canke «haleluya!» Mu kigiriki havuga ngo «shemeza Ya!» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»

Canke «haleluya!» Mu kigiriki havuga ngo «shemeza Ya!» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»

Raba Inyongera ya A5.

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «ku mfungurwa zo ku mugoroba.»

Canke «nca nikubita.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «imijagiyeko.»

Canke «hagati mu kirere», «hejuru y’umutwe.»

Canke «ku mfungurwa zo ku mugoroba.»

Canke «iz’abakomanda.»

Raba akajambo k’epfo mu Ivh 9:17.

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «ubuzima.»

Mu kigiriki havuga ngo «y’abicishijwe ishoka.»

Mu kigiriki havuga ngo «wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).

Raba akajambo k’epfo mu Ivh 9:17.

Canke «bazobohwa», «bazopfungwa.»

Canke «ndi A na Z.» Alufa ni urudome rwa mbere mu rutonde rw’indome z’ikigiriki, Omega na yo ni urudome rwa nyuma.

Canke «kw’iriba.»

Raba Insiguro y’amajambo (Ubusambanyi).

Raba akajambo k’epfo mu Ivh 9:17.

Ni nk’ibilometero 2.220. Sitadiyo imwe yangana n’imetero 185. Raba Inyongera ya B14.

Ni nk’imetero 64. Raba Inyongera ya B14.

Raba Inyongera ya A5.

Raba Inyongera ya A5.

Raba Inyongera ya A5.

Canke «naciye nikubita.»

Canke «ndi A na Z.» Alufa ni urudome rwa mbere mu rutonde rw’indome z’ikigiriki, Omega na yo ni urudome rwa nyuma.

Ni ukuvuga abantu bakora ibintu bishisha imbere y’Imana.

Raba Insiguro y’amajambo (Ubusambanyi).

Raba Insiguro y’amajambo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika