ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • nwt 1 Yohani 1:1-5:21
  • 1 Yohani

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 1 Yohani
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
1 Yohani

IKETE RYA MBERE RYA YOHANI

1 Turabandikiye ku vyerekeye icamyeho kuva mu ntango, ico twumvise, ico twabonye n’amaso yacu, ico twitegereje neza n’amaboko yacu akagikorakora. Tubandikiye ku vyerekeye ijambo ry’ubuzima+. 2 (Emwe, ubuzima budahera bwarerekanywe, kandi twarabubonye kandi turiko turabushingira intahe+ twongera tububamenyesha. Ubwo buzima budahera+ bwari kumwe na Data kandi twarabweretswe.) 3 Turabamenyesheje ico twabonye kandi twumvise+, kugira ngo na mwebwe mwunge ubumwe natwe*, nk’uko twunze ubumwe na Data hamwe n’Umwana wiwe Yezu Kristu+. 4 Turabandikiye rero ivyo bintu kugira umunezero wacu ube uwuzuye.

5 Ng’ubu ubutumwa twamwumvanye, ari na bwo turiko turabamenyesha: Imana ni umuco+, kandi nta mwiza na mukeyi uri muri yo. 6 Iyo tuvuze ngo «Twunze ubumwe na yo», mugabo tukabandanya kugendera mu mwiza, tuba turiko turabesha kandi ntituba twisunga ukuri+. 7 Ariko nimba tugendera mu muco nk’uko na yo iri mu muco, aho rero tuba twunze ubumwe hagati yacu, kandi amaraso ya Yezu Umwana wayo aratwoza ibicumuro vyose+.

8 Iyo tuvuze ngo «Nta gicumuro dufise», tuba turiko turibesha+ kandi nta kuri kuba kuri muri twebwe. 9 Imana ni inyizigirwa kandi iragororotse ku buryo itoreka kutubabarira ibicumuro vyacu no kutwoza ibibi vyacu vyose, mu gihe tuyaturiye ibicumuro vyacu+. 10 Iyo tuvuze ngo «Ntitwacumuye», Imana tuba tuyigize umubeshi, kandi ijambo ryayo ntiriba riri muri twebwe.

2 Bane banje nkunda, ndabandikiye ibi bintu kugira ntimucumure. Ariko hagize uwucumura, turafise umufasha* ari kumwe na Data, akaba ari Yezu Kristu+, umugororotsi+. 2 Uyo ni ikimazi+ c’ibicumuro vyacu+ gituma dusubiza hamwe n’Imana*, mugabo si ibicumuro vyacu gusa ahubwo ni ivy’isi yose+. 3 Iki ni co cerekana ko twamumenye: ni uko tubandanya kwubahiriza amabwirizwa yiwe. 4 Uwuvuga ngo «Naramumenye», mugabo ntiyubahirize amabwirizwa yiwe, aba ari umubeshi kandi nta kuri kuba kuri muri we. 5 Mugabo uwubahiriza ijambo ryiwe, urukundo rw’Imana ruba rwabaye vy’ukuri urutagira akanenge muri we+. Ico ni co kitumenyesha yuko twunze ubumwe na we+. 6 Uwuvuga ko aguma yunze ubumwe na we, abwirizwa kuguma abaho nk’uko Yezu yabayeho*+.

7 Bavukanyi nkunda, sindabandikiye ibwirizwa rishasha, ahubwo ndabandikiye ibwirizwa rya kera mwumvise kuva mu ntango+. Iryo bwirizwa rya kera ni rya jambo mwumvise. 8 Ariko kandi ndabandikiye ibwirizwa rishasha, iryo ubwiwe yakurikije kandi na mwebwe mukaba muriko murarikurikiza, kuko umwiza uriko urarengana, umuco na wo ukaba wamaze gukayangana+.

9 Uwuvuga ko ari mu muco mugabo akanka+ mwenewabo, aracari mu mwiza+. 10 Uwukunda mwenewabo, aguma mu muco+ kandi nta kintu na kimwe kimutsitaza*. 11 Ariko uwanka mwenewabo, aba ari mu mwiza kandi agendera mu mwiza+. Ntazi iyo aja+, kuko umwiza wamuhumye amaso.

12 Ndabandikiye bane banje, kuko mwababariwe ibicumuro vyanyu kubera izina ryiwe+. 13 Ndabandikiye mwebwe ba sebibondo, kuko mwamenye umwe ariho kuva mu ntango. Ndabandikiye mwebwe abasore, kuko mwatsinze wa mubisha+. Ndabandikiye mwebwe abana bato, kuko mwamenye Data+. 14 Ndabandikiye mwebwe ba sebibondo, kuko mwamenye umwe ariho kuva mu ntango. Ndabandikiye mwebwe abasore, kuko mukomeye+ kandi ijambo ry’Imana rikaguma muri mwebwe+, kandi mukaba mwaratsinze wa mubisha+.

15 Ntimukunde isi canke ibintu biri mw’isi+. Nimba umuntu akunda isi, urukundo rwa Data ntiruba ruri muri we+. 16 Kuko ibintu vyose biri mw’isi, ni ukuvuga ivyipfuzo vy’umubiri+, ivyipfuzo vy’amaso+ no guhayagiza ivyo umuntu atunze*, bidakomoka kuri Data, ahubwo bikomoka mw’isi. 17 Vyongeye, iyi si iriko irahera hamwe n’ivyipfuzo vyayo+, ariko uwukora ukugomba kw’Imana yamaho ibihe vyose+.

18 Bane banje, iyi ni isaha ya nyuma. Mwarumvise ko antikristu* ariko araza+, ariko n’ubu haramaze kuboneka ba antikristu benshi+. Ivyo rero biratwereka ko iyi saha ari iya nyuma. 19 Baratuvuyemwo, mugabo ntibari abacu*+. Iyo baba bari abacu bari kugumana natwe. Ariko baratuvuyemwo kugira biboneke ko bose atari abacu+. 20 Mwararobanuwe* na wa mweranda+, kandi mwese murafise ubumenyi. 21 Sindabandikiye kubera mutazi ukuri+, ahubwo ndabandikiye kubera mukuzi no kubera ata kinyoma gikomoka mu kuri+.

22 Ni nde none ari umubeshi? Si uwuhakana ko Yezu ari Kristu+? Uwo ni we antikristu+, uwuhakana Data n’Umwana. 23 Umuntu wese ahakana Umwana, ntiyunze ubumwe na Data+. Mugabo umuntu wese yemera icese Umwana+, aba yunze ubumwe na Data+. 24 Ariko mwebwe, ivyo mwumvise kuva mu ntango bitegerezwa kuguma muri mwebwe+. Ivyo mwumvise kuva mu ntango nivyaguma muri mwebwe, muzokwunga ubumwe n’Umwana, mwongere mwunge ubumwe na Data. 25 Vyongeye, iki ni co ubwiwe yadusezeraniye: ubuzima budahera+.

26 Ndabandikiye ivyo bintu kubera abariko baragerageza kubazimiza. 27 Ariko mwebwe, Imana yarabarobanuje+ impwemu, kandi iyo mpwemu iguma muri mwebwe kandi ntimukeneye umuntu n’umwe abigisha. Mugabo iyo mpwemu mwahawe na we irabigisha ibintu vyose+, kandi ni iy’ukuri, nta kinyoma kiri muri yo. Nimugume rero mwunze ubumwe na we+, nk’uko iyo mpwemu yabibigishije. 28 Rero bane banje, nimugume mwunze ubumwe na we, kugira niyashirwa ahabona tuze tuvugane umwidegemvyo+, ntituve imbere yiwe n’ibimaramare. 29 Nimba muzi ko agororotse, murazi kandi ko umuntu wese aguma akora ibigororotse aba yavyawe n’Imana+.

3 Raba urukundo Data yadukunze uko rungana+, ku buryo twitwa abana b’Imana+! Kandi ico nyene ni co turi. Ni co gituma isi itatuzi+, kuko itamenye Imana+. 2 Bavukanyi nkunda, ubu turi abana b’Imana+, ariko ico tuzoba ntikirahishurwa+. Mugabo turazi ko niyamara guhishurwa tuzomera nka yo, kuko tuzoyibona nk’uko nyene iri. 3 Umuntu wese afise ico cizigiro gishingiye kuri yo*, arityorora+ nk’uko na yo ityoroye.

4 Umuntu wese aguma akora igicumuro aba ariko aragarariza amategeko, kandi igicumuro ni ubugarariji. 5 Murazi kandi ko Yezu yahishuwe kugira akureho ibicumuro vyacu+, kandi ntiyigeze acumura. 6 Umuntu wese aguma yunze ubumwe na we ntaguma acumura+. Umuntu wese aguma acumura ntiyamubonye canke ngo amumenye. 7 Bane banje, ntihagire uwubazimiza. Uwuguma akora ibigororotse aba ari umugororotsi nk’uko uyo na we ari umugororotsi. 8 Uwuguma acumura aba akomoka kuri Shetani*, kuko Shetani yamye acumura kuva mu ntango*+. Iki ni co catumye Umwana w’Imana aza*: ni ukugira asambure ibikorwa vya Shetani+.

9 Umuntu wese yavyawe n’Imana ntaguma acumura+, kuko urubuto* rw’Imana ruguma muri we. Ntaguma acumura, kuko yavyawe n’Imana+. 10 Ng’iki icerekana abana b’Imana n’abana ba Shetani*: uwutaguma akora ibigororotse ntakomoka ku Mana, eka mbere n’uwudakunda mwenewabo+. 11 Ng’ubu ubutumwa mwumvise kuva mu ntango: ni uko dutegerezwa gukundana+, 12 ntitumere nka Kayini yakomoka kuri wa mubisha akica mwenewabo+. None yamwiciye iki? Ni uko ibikorwa vyiwe vyari bibi+, ariko ivya mwenewabo bikaba vyari vyiza*+.

13 Bavukanyi, ntimutangazwe n’uko isi ibanka+. 14 Turazi ko twavuye mu rupfu tukaja mu buzima+, kuko dukunda abavukanyi bacu+. Uwudakundana aguma mu rupfu+. 15 Umuntu wese yanka mwenewabo ni umwicanyi+, kandi murazi ko ata mwicanyi azoronka ubuzima budahera+. 16 Ng’iki icatumenyesheje urukundo: ni uko Yezu Kristu yatwiguze+. Natwe rero dutegerezwa kwigura abavukanyi bacu+. 17 Ariko uwufise ibintu vyo muri iyi si hanyuma akabona mwenewabo ari mu bukene mugabo ntamwumvire impuhwe, yovuga gute ko akunda Imana+? 18 Bane banje, ntidukwiye gukundana mu majambo canke ku karimi+, ahubwo dukwiye gukundana mu bikorwa+ no mu kuri+.

19 Ivyo ni vyo bizotwereka ko turi mu kuri, kandi tuzohumuriza* imitima yacu imbere y’Imana 20 ku kintu cose imitima yacu yotwagiriza, kuko Imana iruta imitima yacu kandi ikaba izi ibintu vyose+. 21 Bavukanyi nkunda, nimba imitima yacu itatwagiriza, turavugana umwidegemvyo imbere y’Imana+, 22 kandi ico tuyisavye cose irakiduha+, kuko twubahiriza amabwirizwa yayo kandi tugakora ibiyihimbara. 23 Kanatsinda, iri ni ryo bwirizwa yaduhaye: ni uko twizera izina ry’Umwana wayo Yezu Kristu+ kandi tugakundana+, nk’uko yabidutegetse*. 24 Vyongeye, uwubahiriza amabwirizwa y’Imana aguma yunze ubumwe n’Imana, kandi Imana iguma yunze ubumwe na we+. Kandi turazi ko iguma yunze ubumwe natwe+ biciye ku mpwemu yaduhaye.

4 Bavukanyi nkunda, ntimwemere ijambo ryose ryahumetswe*+, ahubwo nimusuzume amajambo yose yahumetswe* kugira mumenye ko ava ku Mana+, kuko abahanuzi b’ikinyoma benshi badutse mw’isi+.

2 Ng’iki ikizobereka ko ijambo ryahumetswe riva ku Mana: ijambo ryose ryahumetswe ryemera ko Yezu Kristu yaje afise umubiri, riba riva ku Mana+. 3 Mugabo ijambo ryose ryahumetswe ritemera icese Yezu, ntiriba riva ku Mana+. Iryo riba ari ijambo ryahumetswe na antikristu, uwo mwumvise ko ariko araza+, ubu rikaba rimaze gushika mw’isi+.

4 Bane banje, mwebwe mukomoka ku Mana kandi mwaratsinze abo bahanuzi b’ikinyoma+, kuko uwunze ubumwe namwe+ aruta uwunze ubumwe n’isi+. 5 Bobo bakomoka mw’isi+. Ni co gituma bavuga ivyiyumviro vy’isi, kandi isi irabumviriza+. 6 Twebwe dukomoka ku Mana. Uwuzi Imana aratwumviriza+, ariko uwudakomoka ku Mana ntatwumviriza+. Ukwo ni ko dutandukanya ijambo ryahumetswe ry’ukuri n’ijambo ryahumetswe ry’ikinyoma+.

7 Bavukanyi nkunda, tubandanye gukundana+ kuko urukundo ruva ku Mana, kandi umuntu wese akundana yavyawe n’Imana kandi arazi Imana+. 8 Umuntu wese adakundana ntazi Imana, kuko Imana ari urukundo+. 9 Uku ni ko Imana yatweretse ko idukunda: yararungitse Umwana wayo w’ikinege+ kw’isi kugira turonke ubuzima biciye kuri we+. 10 Aha rero ni ho urukundo ruhagaze: si uko twakunze Imana, ahubwo ni uko yadukunze maze ikarungika Umwana wayo kugira abe ikimazi+ c’ibicumuro vyacu+ gituma dusubiza hamwe na yo*.

11 Bavukanyi nkunda, ko Imana yadukunze gutyo, na twebwe rero tubwirizwa gukundana+. 12 Nta muntu n’umwe yigeze kubona Imana+. Tubandanije gukundana, Imana igumana natwe, kandi urukundo rwayo ruca ruba urutagira akanenge muri twebwe+. 13 Iki ni co kitwereka ko tuguma twunze ubumwe n’Imana, na yo ikaguma yunze ubumwe natwe: ni uko yaduhaye impwemu yayo. 14 Vyongeye, twariboneye ko Data yarungitse Umwana wiwe ngo abe umukiza w’isi, kandi turabishingira intahe+. 15 Uwemera ko Yezu ari Umwana w’Imana+, Imana iguma yunze ubumwe na we, na we akaguma yunze ubumwe n’Imana+. 16 Twaramenye twongera turizera ko Imana idukunda+.

Imana ni urukundo+, kandi uwuguma yerekana urukundo aguma yunze ubumwe n’Imana, Imana na yo ikaguma yunze ubumwe na we+. 17 Ukwo ni ko urukundo rwagizwe urutagira akanenge muri twebwe, kugira tuze tuvugane umwidegemvyo*+ ku musi w’urubanza, kuko uko ameze* ari ko na twebwe tumeze muri ino si. 18 Nta bwoba buri mu rukundo+, ahubwo urukundo rutagira akanenge rurirukana ubwoba, kuko ubwoba budutangira. Mu vy’ukuri, uwufise ubwoba ntaba aragirwa uwutagira akanenge mu rukundo+. 19 Twebwe turakunda, kuko ari yo yabanje kudukunda+.

20 Iyo umuntu avuze ngo «Ndakunda Imana», mugabo akanka mwenewabo, aba ari umubeshi+. Kuko uwudakunda mwenewabo+ yabonye adashobora gukunda Imana atabonye+. 21 Iri ni ryo bwirizwa yaduhaye: uwukunda Imana ategerezwa no gukunda mwenewabo+.

5 Umuntu wese yizera ko Yezu ari we Kristu aba yavyawe n’Imana+, kandi umuntu wese akunda Imana, ari na yo ituma iryo vuka riba, arakunda abavyawe na yo. 2 Iki ni co kitwereka ko dukunda abana b’Imana+: ni uko dukunda Imana kandi tukubahiriza amabwirizwa yayo. 3 Iki ni co gukunda Imana bisobanura: ni uko twubahiriza amabwirizwa yayo+, kandi amabwirizwa yayo ntaremereye+, 4 kuko umuntu wese* yavyawe n’Imana atsinda isi+. Kandi icadufashije gutsinda isi, ni ukwizera kwacu+.

5 None ni nde atsinda isi+? Si uwizera ko Yezu ari Umwana w’Imana+? 6 Yezu Kristu yaje biciye ku mazi no ku maraso, ntiyaje biciye ku mazi yonyene+, ahubwo yaje biciye ku mazi no ku maraso+. Impwemu irabishingira intahe+, kuko impwemu ihishura ukuri*. 7 Hariho ibintu bitatu bishinga intahe: 8 impwemu+, amazi+ n’amaraso+, kandi vyose uko ari bitatu birahuza.

9 Nimba twemera intahe abantu bashinga, intahe Imana ishinga yoyo irahambaye kuruta. Iyo ntahe y’Imana rero ni iyo yashingiye Umwana wayo. 10 Umuntu yizera Umwana w’Imana arafise intahe yashingiwe n’Imana. Uwutizera Imana aba ayigize umubeshi+, kuko atizera intahe Imana yashingiye Umwana wayo. 11 Iyi ni yo ntahe Imana ishinga: Imana yaraduhaye ubuzima budahera+, kandi ubwo buzima buri mu Mwana wayo+. 12 Uwunze ubumwe n’Umwana arafise ubwo buzima. Mugabo uwutunze ubumwe n’Umwana w’Imana ubwo buzima nta bwo afise+.

13 Ndabandikiye ivyo bintu kugira mumenye ko mufise ubuzima budahera+, mwebwe mwizera izina ry’Umwana w’Imana+. 14 Ng’iki ico twizigiye tudakeka ku bijanye n’Imana+: iyo tuyisavye ikintu cose gihuye n’ukugomba kwayo iratwumva+. 15 Nimba tuzi ko itwumva ku kintu ico ari co cose tuyisavye, turazi ko tuzoronka ivyo twayisavye, kuko ari yo tuba twabisavye+.

16 Umuntu niyabona mwenewabo ariko arakora igicumuro kidashikana ku rupfu, nasenge maze Imana izoha ubuzima uwo muvukanyi+. Emwe izoha ubuzima abadakora igicumuro gishikana ku rupfu+. Ariko hariho igicumuro gishikana ku rupfu. Nta n’umwe mbwiye ngo asenge ku bijanye n’ico gicumuro. 17 Ibitagororotse vyose ni igicumuro+, ariko hariho igicumuro kitazana urupfu.

18 Turazi ko umuntu wese yavyawe n’Imana ataguma akora ibicumuro, ariko umwe yavyarwa n’Imana* aramukingira, kandi wa mubisha ntashobora kumwigarurira+. 19 Turazi ko dukomoka ku Mana, mugabo isi yose iganzwa* na wa mubisha+. 20 Ariko turazi ko Umwana w’Imana yaje+, kandi yaraduhaye ubwenge* kugira dushobore kumenya imwe y’ukuri. Turunze ubumwe n’imwe y’ukuri+ biciye ku Mwana wayo Yezu Kristu. Iyo ni yo Mana y’ukuri n’ubuzima budahera+. 21 Bane banje, nimwirinde ibigirwamana+.

Canke «musangire natwe.»

Canke «umuvugizi.»

Canke «ikimazi c’impongano ku bw’ibicumuro vyacu», «ikimazi gipfuka ibicumuro vyacu.»

Canke «kuguma agenda nk’uko Yezu yagenda.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «kandi ntatsitaza abandi.»

Canke «no kwiratira ibibeshaho umuntu.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «ntibari bameze nkatwe.»

Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).

Canke «kuri we.» Ni ukuvuga Yezu.

Mu kigiriki havuga ngo «kuri wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).

Canke «kuva igihe yatangura.» Ni ukuvuga igihe yatangura kugarariza Imana.

Canke «ahishurwa.»

Ni ukuvuga urubuto rushobora kuvyara canke kwama.

Mu kigiriki havuga ngo «ba wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).

Canke «vyari bigororotse.»

Canke «tuzojijura», «tuzokura amazinda.»

Ashobora kuba ari Yezu Kristu.

Mu kigiriki havuga ngo «ntimwemere impwemu yose.»

Mu kigiriki havuga ngo «nimusuzume impwemu zose.»

Canke «ikimazi c’impongano ku bw’ibicumuro vyacu», «ikimazi gipfuka ibicumuro vyacu.»

Canke «tuvugane umutima mu nda.»

Ni ukuvuga Yezu Kristu.

Mu kigiriki havuga ngo «ikintu cose.»

Mu kigiriki havuga ngo «kuko impwemu ari ukuri.»

Ni ukuvuga Yezu Kristu, Umwana w’Imana.

Canke «isi yose iri mu bubasha.»

Canke «ugutahura kwimbitse.»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika