ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • nwt 2 Petero 1:1-3:18
  • 2 Petero

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 2 Petero
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
2 Petero

IKETE RYA KABIRI RYA PETERO

1 Jewe Simoni Petero, umushumba wa Yezu Kristu nkaba n’intumwa yiwe, ndabandikiye mwebwe abaronse ukwizera kw’agaciro nk’ukwo twaronse* biciye ku bugororotsi bw’Imana yacu n’ubw’Umukiza wacu Yezu Kristu.

2 Imana irushirize kubagirira ubuntu buhebuje* no kubaha amahoro biciye ku kumenya neza+ Imana na Yezu Umukama wacu. 3 Kuko ububasha bw’Imana bwaduhaye* ibintu vyose bidufasha kubaho no kuyihebera, ivyo tukaba tubikesha ukumenya neza iyo Mana yaduhamagaye+ biciye ku buninahazwa bwayo n’ukumera neza kwayo. 4 Biciye kuri ivyo bintu, yaraduhaye* ya mihango y’agaciro kandi ihambaye cane+, kugira ngo biciye kuri iyo mihango mugire akameremere nk’ak’Imana+. Yayiduhaye kubera ko twahevye ingeso mbi zo muri iyi si ziterwa n’ivyipfuzo bibi*.

5 Ku bw’iyo mvo rero, nimukore uko mushoboye kwose+ kugira ngo ukwizera kwanyu mukwongereko ingeso nziza+, ingeso nziza muzongereko ubumenyi+, 6 ubumenyi mubwongereko ukwigumya, ukwigumya+ mukwongereko ukwihangana, ukwihangana mukwongereko ukwihebera Imana+, 7 ukwihebera Imana mukwongereko ukwiyumvamwo abavukanyi, ukwiyumvamwo abavukanyi mukwongereko urukundo+. 8 Kuko nimba ivyo bintu mubifise kandi bikaba bigwiriye muri mwebwe, bizobabuza kuba abantu badakora canke ata co bama*+ mu bijanye no gukoresha ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Umukama wacu Yezu Kristu.

9 Iyo umuntu adafise ivyo bintu, aba ari impumyi, akaba ahumiriza ngo ntabone umuco*+, kandi aba yibagiye ko yahumanuwe ibicumuro+ vyiwe vya kera. 10 Ku bw’ivyo rero bavukanyi, murushirize gukora uko mushoboye kwose ngo mugume muri abizigirwa kugira ntimuve mu bahamagawe+ kandi batowe n’Imana, kuko nimwaguma mukora ivyo bintu mutazogenda muguye+. 11 Aho ni ho muzohabwa umuhezagiro wo kwinjira* mu Bwami+ budahera bw’Umukama wacu akaba n’Umukiza Yezu Kristu+.

12 Ni co gituma nama niteguriye kubibutsa ivyo bintu, naho mubizi mukaba kandi mushinze imizi rwose mu kuri kuri muri mwebwe. 13 Mugabo mbona ko bibereye ko ndabakabura mu kubibutsa+ magingo nkiri muri iri hema*+, 14 kubera nzi yuko vuba ihema ryanje rigiye kuvaho, nk’uko n’Umukama wacu Yezu Kristu yabintomoreye+. 15 Nzokwama nkora uko nshoboye kwose kugira ngo ninamara kugenda, muze mushobore kwiyibutsa* ivyo bintu.

16 Igihe twabamenyesha ububasha bw’Umukama wacu Yezu Kristu n’igihe c’ukugaruka* kwiwe, ntitwisunze inkuru z’ikinyoma zaremaremwe ku buhinga, kuko twiboneye ugukayangana kwiwe+. 17 Imana ari yo Data yaramuhaye iteka n’ubuninahazwa, igihe Imana yo soko ry’ubuninahazwa bw’agatangaza yamubwira aya majambo ngo: «Uyu ni Umwana wanje nkunda cane, uwo jewe nashimye+.» 18 Emwe, ayo majambo twarayumvise ava mw’ijuru igihe twari kumwe na we kuri wa musozi mweranda.

19 Ni co gituma turushiriza kwemera amajambo y’abahanuzi. Muriko mugira neza kwitwararika ayo majambo ameze nk’itara+ rikayanganira ahantu h’umwiza, ni ukuvuga mu mitima yanyu. Mubandanye kubigira gushika umusi utamanzuye n’inyenyeri y’umutwenzi+ iserutse. 20 Ica mbere coco, murazi yuko ata buhanuzi bwo mu Vyanditswe buva ku vyiyumviro* vy’umuntu ku giti ciwe. 21 Kuko ata buhanuzi bwigeze buvugwa bivuye ku vyo umuntu agomba+, ahubwo abantu bavuga ivyava ku Mana barongowe* n’impwemu nyeranda+.

2 Ariko rero harabayeho n’abahanuzi b’ikinyoma mw’ihanga ry’Imana, nk’uko no muri mwebwe hazobaho abigisha b’ikinyoma+. Bazorema mu mpisho utugwi dusambura ukwizera, bihakane na shebuja yabaguze+, bikwegere gutikizwa ningoga. 2 Vyongeye, benshi bazokwigana inyifato yabo iteye isoni kandi y’akagagazo*+, kandi inzira y’ukuri izotukwa kubera bo+. 3 N’ikindi kandi, bazokoresha amajambo y’uruhendo, babarye imitsi babigiranye umwina. Mugabo urubanza baciriwe kuva kera+ ntiruriko rurikwega, n’ugutikizwa kwabo ntigusinziriye+.

4 Vy’ukuri Imana ntiyaretse guhana ba bamarayika bacumuye+. Ahubwo yabatereye muri Tarutaro*+, ibashira mu minyororo* y’umwiza w’umuzitanya ngo bagumeyo gushika igihe c’ugushitswako urubanza+. 5 Ntiyaretse no guhana isi ya kera+, mugabo yarazigamye Nowa, umwe yamamaza ubugororotsi+, imuzigamira hamwe n’abandi indwi+ igihe yazana umwuzure kw’isi y’abantu batubaha Imana+. 6 Kandi igihe Imana yatikiza ca gisagara ca Sodomu n’ica Gomora ikabihindura iminyota, yarabiciriye urubanza+, iba ihaye abantu batayubaha akarorero k’ibizoza+. 7 Yararokoye na wa mugororotsi Loti+ yatuntuzwa cane n’inyifato iteye isoni kandi y’akagagazo* y’abagarariji. 8 Uko bukeye uko bwije, uwo muntu w’umugororotsi yamana akababaro mu mutima wiwe ugororotse, kubera ibikorwa vy’ubugarariji yabona kandi yumva igihe yabana na bo. 9 Yehova* arazi rero kurokora mu kigeragezo abantu bamwihebera+, mugabo abatagororotse akababika ngo bazotikizwe* ku musi w’urubanza+, 10 na canecane abarondera guhumanya imibiri y’abandi+, bagakengera n’ubukuru*+.

Barubahuka kandi ni intagondwa. Ntibatinya no gutuka abo Imana yateye iteka*. 11 Ariko abamarayika bobo, naho babarusha inkomezi n’ububasha, ntibabagiriza bakoresheje amajambo y’ibitutsi, kubera ko bubaha Yehova*+. 12 Mugabo abo bantu bavuga nabi ivyo batazi, bakaba bameze nk’ibikoko bitagira ubwenge bigenza itima vyavukiye gufatwa no kwicwa+. Bazoshikirwa n’agatikizo bakwegewe n’ingendo yabo ijana ku gatikizo, 13 baronke impembo yo kumererwa nabi kubera ubukozi bw’ikibi bwabo.

Bahimbarwa no kubaho biryohera+, n’igihe aba ari ku murango. Abo bantu ni ibirabagu n’utunenge kw’ishengero, abantu baryohererwa* inyigisho zabo z’uruhendo igihe baba bariko basangira namwe inzimano+. 14 Amaso yabo yuzuye ukurenga ibigo+ kandi ntashobora kuvavanura n’igicumuro. Bararyosharyosha abadashikamye*. Bafise umutima wamenyerejwe kugira umwina. Ni abana bavumwe. 15 Barataye inzira igororotse, barazimira. Bakurikiye inzira ya Balamu+ mwene Beyori, umwe yakunze impembo y’ubukozi bw’ikibi+, 16 mugabo agakosorwa kubera yarenze ku bigororotse+. Igitungwa c’igitwazi kitavuga caravuze n’ijwi ry’umuntu, kirabuza nya muhanuzi gukora ivy’ubusazi+.

17 Abo ni amasoko atagira amazi, bakaba n’ibipfungu bitwarwa n’igihuhusi gikaze. Babikiwe umwiza w’umuzitanya kuruta iyindi yose+. 18 Bavuga amajambo yo kwihambaza ata co amaze. Barafatira ku vyipfuzo vy’umubiri+, bagakora n’ibintu vyerekana inyifato iteye isoni kandi y’akagagazo*, kugira baryosharyoshe abakiva mu vyara vy’abantu babayeho mu buryo butabereye+. 19 Naho babasezeranira umwidegemvyo, bo ubwabo ni abaja b’ukubora+. Nakare umuntu aba umuja w’uwumurushije* ububasha+. 20 Mu vy’ukuri, nimba bamaze kuva mu buhumane bw’isi+ kubera bamenye neza Umukama Yezu Kristu akaba n’Umukiza wacu, hanyuma bagasubira kwisuka muri ivyo bintu nyene kandi bikabarusha inguvu, iherezo ryabo riba ribaye ribi gusumba uko ivyabo vyari mu ntango+. 21 Vyari kubabera vyiza kutamenya neza inzira y’ubugororotsi, hako bayimenya hanyuma bagaha umugongo amabwirizwa meranda bahawe+. 22 Ivyababayeko ni bimwe bivugwa muri wa mugani w’ukuri uvuga ngo: «Imbwa igarutse kurya ivyo yadashwe, n’ingurube yuhagiwe igarutse kwivurunga mu rwondo+.»

3 Bakundwa, iri rero ni ikete rigira kabiri ndabandikiye. Cokimwe no mw’ikete ryanje rya mbere, ndiko ndakabura ubushobozi bwanyu bwo kwiyumvira neza mu kubibutsa+. 2 Ndabigize kugira mwibuke amajambo yavuzwe kera* n’abahanuzi beranda, na ya mabwirizwa y’Umukama wacu akaba n’Umukiza yashikirijwe biciye ku ntumwa zanyu. 3 Ubwa mbere, mumenye yuko mu misi ya nyuma hazoza abacokoranyi* bacokorana, bagenda bisunga ivyipfuzo vyabo bwite+, 4 bavuga ngo: «Yasezeranye ngo azogaruka, none ari hehe+? Erega, kuva umusi ba sogokuruza bacu basinzira mu rupfu, ibintu vyose biguma kwa kundi nyene vyari kuva mu ntango y’irema+.»

5 Bariyobagiza n’ibigirankana yuko kera hariho ijuru n’isi yumutse ihagaze hejuru y’amazi no hagati mu mazi, biciye kw’ijambo ry’Imana+. 6 Bariyobagiza kandi yuko biciye kuri ivyo bintu, isi y’ico gihe yatikijwe igihe yarengerwa n’amazi y’umwuzure+. 7 Mugabo biciye kuri iryo jambo nyene, ijuru n’isi vy’ubu bibikiwe umuriro, kandi birindirijwe umusi w’urubanza n’ugutikizwa kw’abantu batubaha Imana+.

8 Ariko bakundwa, ntimuyoberwe yuko kuri Yehova* umusi umwe ari nk’imyaka 1.000, n’imyaka 1.000 nk’umusi umwe+. 9 Yehova* ntatevye gushitsa ivyo yasezeranye+ nk’uko bamwe bavyiyumvira, ahubwo yihanganiye mwebwe kuko adashaka yuko hagira n’umwe ahona, ahubwo ashaka ko bose baronka akaryo ko kwigaya+. 10 Yamara umusi wa Yehova*+ uzoza nk’igisuma+. Kuri uwo musi ijuru rizovaho+ mu kwasana gukomeye*, ibintu vy’ishimikiro bishonge kubera ugushuha gukaze, n’isi n’ibikorwa biri muri yo bishirwe ahabona+.

11 Ko ivyo bintu vyose bibwirizwa gushonga gutyo, nimwiyumvire uko mukwiye kumera. Mukwiye kuba abantu b’ingeso nyeranda kandi bakora ibikorwa vyerekana ko bihebera Imana, 12 murindiriye kandi mwamiza mu bwenge* ukuza* kw’umusi wa Yehova*+. Uwo musi uzotuma ijuru ritikizwa+ n’umuriro, n’ibintu vy’ishimikiro biyage kubera ugushuha gukaze. 13 Mugabo nk’uko yabisezeranye, turindiriye ijuru rishasha n’isi nshasha+, kandi aho ni ho hazoba ubugororotsi+.

14 Ku bw’ivyo bakundwa, ko murindiriye ivyo bintu, mukore uko mushoboye kwose ngo impera n’imperuka aze abasange mutagira agatosi, mutagira akanenge, kandi muri mu mahoro+. 15 Vyongeye, nimubone ko ukwihangana kw’Umukama wacu ari ubukiriro, nk’uko n’umuvukanyi wacu dukunda cane Pawulo yabibandikiye yisunze ubukerebutsi yahawe+. 16 Ivyo bintu arabivuga mu makete yiwe yose. Ariko ayo makete arimwo ibintu bimwebimwe bigoye gutegera. Abantu ata co bazi* kandi badashikamye barabigoramika nk’uko bagoramika n’ibindi vyanditswe, bakikwegera agatikizo.

17 Mwebwe rero bakundwa, ko ivyo musanzwe mubizi, mwiyubare ntimutwarwe ngo muja⁠ne na bo mu buzimire bw’abantu b’abagarariji, bigatuma mutaba mugishikamye*+. 18 Ahubwo mwigenze mu buryo butuma murushiriza kugirirwa ubuntu buhebuje* no kuronka ubumenyi bwerekeye Umukama wacu akaba n’Umukiza Yezu Kristu. Naninahazwe ubu no gushika ibihe bidahera. Amen.

Canke «ukwizera kunganya iteka n’ukwacu.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «bwaduhaye ku buntu.»

Canke «yaraduhaye ku buntu.»

Canke «inambu ikomeye.»

Canke «barumvye.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ari impumyi, abona ibiri hafi gusa.»

Canke «muzokwemererwa cane kwinjira.»

Ni ukuvuga umubiri wiwe wo kw’isi.

Canke «kwibwira.»

Canke «ukuhaba.» Raba Insiguro y’amajambo (Ukuhaba).

Canke «ku nsobanuro.»

Canke «basunitswe», «bajanywe.»

Mu kigiriki ni aselgeia. Raba Insiguro y’amajambo.

Raba Insiguro y’amajambo.

Hashobora kandi kuvugwa ngo «mu vyobo.»

Mu kigiriki ni aselgeia. Raba Insiguro y’amajambo.

Raba Inyongera ya A5.

Mu kigiriki havuga ngo «bazorandurwe.»

Canke «bakagaya n’ubutware.»

Mu kigiriki havuga ngo «abanyabuninahazwa.»

Raba Inyongera ya A5.

Canke «baryohererwa bimwe bitagira akarimbi.»

Canke «imitima idashikamye.»

Mu kigiriki ni aselgeia. Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «w’ikimurushije.»

Canke «imbere y’igihe.»

Canke «abashinyaguzi.»

Raba Inyongera ya A5.

Raba Inyongera ya A5.

Raba Inyongera ya A5.

Canke «humvikane urwamo nk’urw’ikintu kirenganye cihuta.»

Canke «mwamiza hafi ku muzirikanyi», «mushashaye.» Mu kigiriki havuga ngo «mwihutisha.»

Mu kigiriki havuga ngo «ukuhaba.» Raba Insiguro y’amajambo (Ukuhaba).

Raba Inyongera ya A5.

Canke «batigishijwe.»

Canke «mugihagaze neza.»

Raba Insiguro y’amajambo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika