ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • nwt Yakobo 1:1-5:20
  • Yakobo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yakobo
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Yakobo

IKETE RYA YAKOBO

1 Jewe Yakobo+, umushumba w’Imana n’uw’Umukama Yezu Kristu, ndabandikiye mwebwe miryango 12 yasabagiye.

Ndabaramukije!

2 Bavukanyi, munezerwe cane igihe muhuye n’ibigeragezo bitandukanye+, 3 kuko muzi yuko igihe ukwizera kwanyu kugejejwe gutyo bituma mugira ukwihangana+. 4 Mugabo mureke ukwihangana gusozere igikorwa cakwo, kugira ngo muri vyose mube abantu babushitse kandi batagira agahonzi, ata na kimwe muhajije+.

5 Nimba rero hari uwo muri mwebwe ahajije ubukerebutsi, nagume abusaba Imana+ kuko iha bose ibikunze kandi idatora amahinyu*+, kandi azobuhabwa+. 6 Mugabo nagume asaba yizeye+, adakekeranya na gatoyi+, kuko uwukekeranya ameze nk’umupfunda w’ikiyaga utwarwa n’umuyaga, ukajanwa irya n’ino. 7 Emwe, uyo muntu ntiyitege ko hari ico Yehova* azomuha. 8 Ni umuntu adafata ingingo+, mahindagu mu vyo akora vyose.

9 Mugabo umuvukanyi aciye bugufi nanezerwe* kubera ko yashizwe hejuru+, 10 umutunzi na we anezerwe kubera yacishijwe bugufi+, kuko azokamangana nk’ishurwe ryo mu gahinga. 11 Izuba riraseruka rifise ubushuhe buturira, hanyuma rikumisha igiterwa maze ishurwe ryaco rigakoroka, ubwiza bwaco bw’inyuma na bwo bugahera. Ukwo nyene ni ko n’umutunzi azokabirana mu vyo yiruka inyuma+.

12 Hahiriwe umuntu aguma yihanganiye ikigeragezo+, kuko niyashimwa azoronka rwa rugori rw’ubuzima+ Yehova* yasezeraniye ababandanya kumukunda+. 13 Iyo umuntu ari mu kigeragezo, ntavuge ngo: «Ndiko ngeragezwa n’Imana.» Kuko Imana idashobora kugeragezwa n’ibintu bibi, kandi na yo ubwayo nta we ibigerageresha. 14 Mugabo umwe wese arageragezwa iyo icipfuzo ciwe bwite kimukwegakweze, kikamuryosharyosha*+. 15 Maze nya cipfuzo iyo gitwaye inda, kivyara igicumuro. Igicumuro na co iyo gikozwe, kivyara urupfu+.

16 Bavukanyi nkunda cane, ntimuzimizwe. 17 Ingabire nziza yose n’ingabire yose itagira akanenge ziva mw’ijuru+, kuko zimanuka zivuye kuri Se w’imico* yo mw’ijuru+, umwe adahindagurika nk’ibitutu biguma vyimuka+. 18 Kubera ko yabigomvye, yaratuvyaye biciye kw’ijambo ry’ukuri+, kugira tube abatowe ubwa mbere* mu biremwa vyiwe+.

19 Mumenye ibi bavukanyi nkunda cane: umuntu wese anyaruke kwumva, atebe kuvuga+, atebe gushavura+, 20 kuko ishavu ry’umuntu ridashitsa ivyo Imana ibona ko bigororotse+. 21 Ku bw’ivyo, mwikureko umucafu wose n’akantu kose kajanye n’ububi*+, hanyuma mwicishe bugufi* mwemere Imana ibateremwo ijambo ryayo rishobora kubakiza.

22 Ariko mube abashira mu ngiro iryo jambo+, ntimube abumva gusa, mwibesha mu gukurikira ivyiyumviro vyanyu bitari vyo. 23 Umuntu yumva iryo jambo ntarishire mu ngiro+, ameze nk’umuntu yiraba* mu cirore. 24 Kuko yiraba agaca yigira, ubwo nyene agaca yibagira uko ameze. 25 Mugabo uwihweza muri iryo tegeko ritagira akanenge+ ry’umwidegemvyo kandi akarigumamwo, aba abaye uwushira mu ngiro aho kuba uwumva akibagira. Uwukora ivyo azohimbarwa*+.

26 Umuntu yiyumvira ko asenga Imana* ariko ntagumye ururimi rwiwe*+, aba ariko arahenda umutima wiwe, kandi ugusenga kwiwe nta co kuba kumaze. 27 Ugusenga* gutyoroye kandi kudahumanye imbere y’Imana yacu ikaba na Data ni uku: kwitaho impfuvyi+ n’abapfakazi+ mu makuba yabo+, no kuguma twirinze ntitwanduzwe n’isi+.

2 Bavukanyi, mwoba vy’ukuri mwizera Umukama wacu Yezu Kristu w’ubuninahazwa mukongera mukagira nkunzi+? 2 Iyo umuntu yambaye impeta z’inzahabu ku ntoke be n’impuzu nziza cane aje aho mukoraniye, hakaza n’umworo yambaye impuzu zicafuye, 3 mwoba muraba ryiza umwe yambaye impuzu nziza cane? Mwoba mumubwira muti: «Wewe icara ng’aha mu kibanza ciza», hanyuma mukabwira nya mworo ngo: «Wewe guma uhagaze», canke ngo: «Icara harya hafi y’ibirenge vyanje*+»? 4 Nimba ari ukwo, ntimwumva yuko muri mwebwe hari ivyo gusumbanya abantu+ kandi ko mwabaye abacamanza baca imanza mbi+?

5 Nimwumvirize bavukanyi nkunda cane. Mbega Imana ntiyatoye abo isi ibona ko ari aboro ngo babe abatunzi mu kwizera+ be na ba samuragwa b’Ubwami yasezeraniye abayikunda+? 6 Mugabo muratetereza aboro. Mbega abatunzi si bo babahahaza+, bakabakwega babajana mu masentare? 7 Mbega si bo batuka rya zina* ryiza mwitirirwa? 8 Nimba rero mukurikiza rya tegeko ry’i bwami mwisunze icanditswe kivuga ngo: «Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda+», muriko mugira neza cane. 9 Mugabo nimba mubandanya kugira nkunzi+, muriko muracumura, kandi amategeko arerekana ko mufise ikibagira*+.

10 Kuko iyo umuntu yubahiriza amategeko* yose mugabo akarenga kuri rimwe, aba ayacumuyeko yose+. 11 Kuko uwavuze ngo: «Ntukarenge ibigo+», yavuze kandi ngo: «Ntukice+.» Nimba rero utarenga ibigo mugabo ukica, uba urenze amategeko. 12 Mugume muvuga kandi mwigenza nk’abantu bazocirwa urubanza hisunzwe amategeko y’abantu bidegemvya*+. 13 Kuko uwutagira imbabazi azocirwa urubanza ata mbabazi+. Imbabazi ziratsinda urubanza.

14 Bimaze iki ga bavukanyi, umuntu avuze ko afise ukwizera mugabo adafise ibikorwa+? Mbega ukwo kwizera kuzomukiza+? 15 Nimba benewacu canke bashiki bacu badafise ivyo bambara* canke ibifungurwa bikwiye vya buri musi, 16 yamara umwe muri mwebwe akababwira ngo: «Genda amahoro muronke ibibasusurutsa, kandi mufungure neza», mugabo ntimubahe ivyo umubiri wabo ukeneye, bimaze iki+? 17 N’ukwizera kwonyene iyo kudafise ibikorwa, kuba gupfuye+.

18 Yamara rero, hari uwovuga ati: «Wewe ufise ukwizera, nanje mfise ibikorwa. Nyereka ukwizera kwawe kutagira ibikorwa, nanje nkwereke ukwizera kwanje biciye ku bikorwa nkora.» 19 Uremera ko hari Imana imwe? Ni vyiza cane. Ariko n’amadayimoni aravyemera kandi agahinda agashitsi+. 20 Ewe muntu ata co uzi, urashaka kumenya igituma ukwizera kutagira ibikorwa ata co kumaze? 21 Mbega data Aburahamu ntiyiswe umugororotsi biciye ku bikorwa, aho amariye gushikana umuhungu wiwe Izahaki ku gicaniro+? 22 Urabona ko ukwizera kwiwe kwakorana n’ibikorwa vyiwe kandi ko biciye ku bikorwa vyiwe, ukwizera kwiwe kwabaye ugutunganye+. 23 Vyongeye, icanditswe cararangutse, kimwe kivuga ngo: «Aburahamu yizeye Yehova*, abonwa ko ari umugororotsi*+», araheza yitwa «umugenzi wa Yehova*+.»

24 Murabona ko umuntu yitwa umugororotsi biciye ku bikorwa, ntibica ku kwizera kwonyene. 25 Wa mumaraya Rahabu, mbega na we nyene ntiyiswe umugororotsi biciye ku bikorwa, aho amariye kwakira neza za ntumwa hanyuma akazirungika azicishije mu yindi nzira+? 26 Mu vy’ukuri, nk’uko umubiri utagira impwemu* uba upfuye+, ni ko n’ukwizera kutagira ibikorwa kuba gupfuye+.

3 Bavukanyi, si mwese mukwiye kuba abigisha kuko muzi yuko tuzocirwa urubanza ruremereye* gusumba+. 2 Kuko twese dutsitara* kenshi+. Nimba hari uwudatsitara mu vyo avuga, aba ari umuntu atunganye, ashoboye no kwambika imijiginya* umubiri wiwe wose. 3 Iyo dushize imijiginya mu kanwa k’amafarasi kugira atugamburukire, turayobora n’umubiri wayo wose. 4 Raba n’amato*: naho ari manini cane kandi akaba ajanwa n’imiyaga ikomeye, ayoborwa n’ingafe* ntoyi cane akaja aho uwunyonga ubwato agomba.

5 N’ururimi nyene ni agahimba gatoyi k’umubiri, yamara kariyemera cane. Raba ingene bisaba akariro gakeyi kugira umuntu adomeke ishamba rinini! 6 Ururimi na rwo nyene ni umuriro+. Ururimi ni igihimba c’umubiri wacu cuzuye ukutagororoka kungana isi yose, kuko ruhumanya umubiri wose+ rugaturira ubuzima bwose uko bwakabaye*, na rwo rugaturirwa na Gehena*. 7 Kuko ubwoko bwose bw’ibikoko vyo mw’ishamba, hamwe n’inyoni, n’ivyikwega n’ibiremwa vyo mu mazi bishobora kumenyerezwa kugamburuka*, kandi vyaramenyerejwe n’abantu. 8 Mugabo nta n’umwe ashobora kumenyereza ururimi kugamburuka. Ni akagaramaruganda kandi rugira nabi, rukaba rwuzuye ubumara bwica+. 9 Turarukoresha mu gushemeza Yehova* ari we Data, tukarukoresha no mu kuvuma abantu babayeho «mw’ishusho y’Imana+.» 10 Mu kanwa kamwe havamwo umuhezagiro n’umuvumo.

Bavukanyi, si ukwo bikwiye kugenda+. 11 Mbega mw’isôko rimwe hodudubiza amazi aryoshe* n’ayarura? 12 Bavukanyi, mbega igiti c’umusukoni coshobora kwama imyelayo* canke umuzabibu ukama insukoni+? Eka n’amazi y’umunyu ntashobora kuvamwo amazi aryoshe.

13 Muri mwebwe ni nde ari inkerebutsi kandi ategera? Niyerekane biciye ku ngeso ziwe nziza ko akora ibikorwa biranga ubwitonzi buva ku bukerebutsi. 14 Ariko nimba mu mitima yanyu mufise ishari ry’umururazi+ n’agatima k’amahane*+, ntimwiyemere+ kandi ntimubeshere ukuri. 15 Ubwo si ubukerebutsi bumanuka buvuye mw’ijuru. Ni ubukerebutsi bw’isi+, bw’ibikoko, bw’amadayimoni. 16 Kuko ahari ishari n’agatima k’amahane*, uzohasanga n’umuvurungano be n’ikintu cose c’agahomerabunwa+.

17 Mugabo ubukerebutsi buva mw’ijuru imbere ya vyose ntibwanduye+, kandi burangwa n’amahoro+, ntiburenza urugero*+, bwiteguriye kugamburuka, bwuzuye imbabazi n’ivyamwa vyiza+, ntibugira nkunzi+, ntibwiyorobeka+. 18 Vyongeye, icamwa c’ubugororotsi giterwa mu mahoro+ ku neza y’abariko* baremesha amahoro+.

4 Intambara n’imiryano biri muri mwebwe* biva ku ki? Mbega ntibiva ku vyipfuzo vyanyu vy’umubiri biguma birwanira muri mwebwe+? 2 Muripfuza yamara ntimuronka. Mubandanya kwica no kwipfuza ivy’abandi*, yamara ntimuronka ivyo mwipfuza. Mubandanya kurwana no kuryana+. Nta co muronka kubera ko mudasaba. 3 N’iyo musavye ntimuronka, kubera ko musaba mu ntumbero mbi yo gukoresha ivyo musavye kugira muhaze ivyipfuzo vy’umubiri wanyu.

4 Yemwe abarenga ibigo*, ntimuzi yuko kuba abagenzi b’isi ari ukwankana n’Imana? Uwo wese rero ashaka kuba umugenzi w’isi aba ariko yigira umwansi w’Imana+. 5 Mwibaza none yuko icanditswe kivugira ubusa ngo: «Impwemu iba muri twebwe iguma yipfuza cane+»? 6 Ariko ubuntu buhebuje* Imana itanga buraruta ivyo vyipfuzo. Ni co gituma icanditswe kivuga giti: «Imana irwanya abibona+, mugabo ikagirira ubuntu buhebuje abicisha bugufi+.»

7 Muyobokere Imana+ rero, mugabo murwanye Shetani*+, na we azobahunga+. 8 Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza+. Yemwe bacumuzi, nimukarabe iminwe+, namwe abadafata ingingo mutyorore imitima+. 9 Nimwemere mugire amagorwa, mugandare, murire+. Agatwengo kanyu nigahinduke ikigandaro, n’umunezero wanyu uhinduke ukwihebura. 10 Mwicishe bugufi imbere ya Yehova*+, na we azobashira hejuru+.

11 Bavukanyi, mureke kuvuga nabi bagenzi banyu+. Uwo wese avuga nabi umuvukanyi wiwe canke akamucira urubanza, aba avuze nabi amategeko kandi aba ayaciriye urubanza. Nimba rero uciriye urubanza amategeko, ntuba uriko urakora ivyo amategeko asaba, ahubwo uba ubaye umucamanza. 12 Uwushinga amategeko akaba n’Umucamanza ni umwe gusa+. Ni we ashoboye gukiza no guhonya+. None wewe uri nde ngo ucire urubanza mugenzawe+?

13 Nimwumve rero mwebwe muvuga ngo: «Uno musi canke ejo tuzoja mu gisagara kanaka, tumareyo umwaka, kandi tuzocuruza turonke inyungu+», 14 kandi mutazi uko ubuzima bwanyu buzoba bumeze ejo+. Erega muri igipfungu kiboneka akanya gato kigaca kizimangana+. 15 Ahubwo mwari mukwiye kuvuga muti: «Yehova* niyabishaka+ tuzobaho, dukore iki canke kiriya.» 16 Mugabo ubu murirata mukiyemera cane. Ukwo kwirata ni kubi. 17 Iyo rero umuntu azi gukora ibigororotse yamara ntabikore, aba acumuye+.

5 Nimwumve rero yemwe batunzi: nimurire muboroge kubera amagorwa agira abashikire+. 2 Ubutunzi bwanyu bwaboze, n’impuzu zanyu zariwe n’udukoko+. 3 Inzahabu zanyu n’ifeza zanyu vyaguye ingese. Ingese zavyo zizoba icabona kibagiriza, kandi zizorya umubiri wanyu. Ivyo mwarundanije bizoba nk’umuriro mu misi ya nyuma+. 4 Raba! Impembo mutahaye abakozi bimbuye imirima yanyu iguma isemerera, kandi ugutabaza kw’abimbuzi kwashitse mu matwi ya Yehova* Nyeningabo+. 5 Mwabayeho kw’isi mu bihinda kandi mwiryohera. Mwadoheje imitima yanyu ku musi wo gukererwa+. 6 Mwaciriye rubi umugororotsi, muramwica. None ntariko arabarwanya?

7 Mwihangane rero bavukanyi, gushika mu gihe c’ukugaruka* kw’Umukama+. Ehe raba! Umurimyi aguma arindiriye umwimbu mwiza isi izomuha, akawurindira yihanganye gushika aronse imvura ya mbere n’imvura ya nyuma*+. 8 Namwe nyene mwihangane+. Mukomeze imitima yanyu kubera ko igihe c’ukugaruka* kw’Umukama cegereje+.

9 Bavukanyi, ntihagire uwidodombera mugenziwe* kugira ntimucirwe urubanza+. Ehe umucamanza ari ku muryango! 10 Bavukanyi, ku bijanye n’ukwiyumanganya igihe umuntu ari mu mibabaro+ be n’ukwihangana+, mwigane akarorero k’abahanuzi ba kera bavuga mw’izina rya Yehova*+. 11 Raba! Abihanganye tubona ko bahiriwe*+. Mwarumvise ibijanye n’ukwihangana kwa Yobu+ mwongera murabona ingene Yehova* yamuhezagiye+, murabona yuko Yehova* yuzuye ikibabarwe* kandi ko ari umunyembabazi+.

12 Hejuru ya vyose bavukanyi, mureke kurahira ijuru canke isi canke ikindi kintu. Ahubwo «ego» yanyu nibe ego, «oya» yanyu na yo ibe oya+, kugira ntimwikwegere gucirwa urubanza.

13 Hoba hari uwuriko arashikirwa n’ingorane muri mwebwe? Nashishikare gusenga+. Hoba hari uwunezerewe? Naririmbe amazaburi+. 14 Hoba hari uwurwaye muri mwebwe? Natumeko abakurambere+ b’ishengero bamusengere, bamusige amavuta+ mw’izina rya Yehova*. 15 Isengesho ririmwo ukwizera rizotuma uwo arwaye* akira, kandi Yehova* azomuhagurutsa. Vyongeye, nimba yarakoze ibicumuro azobabarirwa.

16 Mwaturiranire rero ibicumuro ata guhishanya+ kandi musengeranire, kugira mukire. Ugutakamba kw’umugororotsi gufise inguvu nyinshi*+. 17 Eliya yari umuntu ameze nkatwe*, yamara igihe yatakambira Imana ngo imvura ntigwe, ntiyaguye mu gihugu mu kiringo c’imyaka itatu n’amezi atandatu+. 18 Yarongeye gusenga maze ijuru ritanga imvura, igihugu na co kirimbuka+.

19 Bavukanyi, hagize uwo muri mwebwe azimizwa agata ukuri hanyuma uwundi akamugarura, 20 mumenye yuko uwuzimuruye umucumuzi+ azoba amukijije urupfu kandi azoba atumye hapfukwa ibicumuro vyinshi+.

Canke «idatera imiragwe.»

Raba Inyongera ya A5.

Mu kigiriki havuga ngo «niyirate.»

Raba Inyongera ya A5.

Canke «kikamucakira nk’igikoko cafashwe gikurikiye icambo.»

Canke «ibitangamuco.»

Canke «tube nk’umushuzo.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «umucafu wose n’ububi bugwiriye.»

Canke «mugire ubwitonzi.»

Canke «araba mu maso yavukanye.»

Canke «uwo muntu azohimbarwa mu vyo akora.»

Canke «ko ari umusenzi.»

Canke «ntiyambike ururimi rwiwe imijiginya.» Imijiginya ni imigozi bambika ifarasi kugira bayiyobore. Iyo migozi iba iboheye ku kuma bacisha mu kanwa k’ifarasi.

Canke «idini.»

Mu kigiriki havuga ngo «munsi y’intebe y’ibirenge vyanje.»

Canke «barogota kuri rya zina.»

Canke «arabakosora nk’abantu barenga amategeko.»

Ni ukuvuga amategeko ya Musa.

Mu kigiriki havuga ngo «y’umwidegemvyo.»

Mu kigiriki havuga ngo «bari gusa.»

Raba Inyongera ya A5.

Canke «abiharurwako nk’ubugororotsi.»

Raba Inyongera ya A5.

Canke «impemu.»

Canke «rukaze.»

Canke «dukora amakosa.»

Raba akajambo k’epfo muri Yak 1:26.

Canke «imeri.» Imeri ni ubwato bunini.

Ingafe ni ibintu bakoresha mu gusoza ubwato, bigomba kumera nk’umudahara.

Mu kigiriki havuga ngo «ikurudumu y’ivuka (intango).»

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «bishobora kugundwa.»

Raba Inyongera ya A5.

Mu kigiriki havuga ngo «asosa.»

Imyelayo bayita kandi olive.

Hashobora kandi kuvugwa ngo «k’ukwita imbere.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «k’ukwita imbere.»

Canke «ntibudadaza», «bugira ibitegereka.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «giterwa mu mahoro n’abariko.»

Mu kigiriki havuga ngo «mu bihimba vyanyu.»

Canke «kugira umwina.»

Canke «abahemukira Imana.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Mu kigiriki havuga ngo «wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).

Raba Inyongera ya A5.

Raba Inyongera ya A5.

Raba Inyongera ya A5.

Canke «c’ukuhaba.» Raba Insiguro y’amajambo (Ukuhaba).

Imvura ya mbere itangura nko hagati muri Gitugutu, iya nyuma na yo nko hagati muri Ndamukiza.

Canke «c’ukuhaba.» Raba Insiguro y’amajambo (Ukuhaba).

Canke «uwuniha ashavuriye mugenziwe.»

Raba Inyongera ya A5.

Canke «bahezagiwe.»

Raba Inyongera ya A5.

Raba Inyongera ya A5.

Canke «afise impuhwe nyinshi.»

Raba Inyongera ya A5.

Hashobora kandi kuvugwa ngo «arushe.»

Raba Inyongera ya A5.

Mu kigiriki havuga ngo «kuragira inguvu nyinshi igihe kuriko kurakora.»

Canke «yiyumva nk’uko twiyumva.»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika