ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • nwt Abaheburayo 1:1-13:25
  • Abaheburayo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abaheburayo
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Abaheburayo

IKETE RYANDIKIWE ABAHEBURAYO

1 Kera Imana yaravuganye na ba sogokuruza bacu mu bihe vyinshi no mu buryo bwinshi biciye ku bahanuzi+. 2 Ariko muri iyi misi* yavuganye natwe biciye ku Mwana wayo+, uwo yagenye kuba samuragwa w’ibintu vyose+, akaba ari na we yakoresheje mu gushiraho ibihe* bitandukanye+. 3 Ni we tubonerako ubuninahazwa bw’Imana+ kandi ni we shusho yerekana neza na neza ukuntu imeze+. Ashigikira ibintu vyose biciye kw’ijambo ryayo ry’ububasha. Amaze kudukurako ibicumuro akadutyorora+, yaciye yicara iburyo bwa Nyenicubahiro iyo hejuru+. 4 Asigaye rero aruta cane abamarayika+, kuko yatoranye izina ry’agahebuza riruta iryabo+.

5 Nk’akarorero mu bamarayika, ni nde Imana yigeze kubwira iti: «Uri umwana wanje. Uyu musi ncitse so wawe+»? Canke iti: «Nzomubera se, na we ambere umwana+»? 6 Mugabo ku bijanye n’igihe izosubira kuzana Imfura yayo+ mw’isi, ivuga iti: «Kandi abamarayika b’Imana bose nibamwunamire*.»

7 Vyongeye, ku bijanye n’abamarayika ivuga ngo: «Abamarayika bawe ubahindura impwemu, abasuku bawe*+ ukabahindura urubeya rw’umuriro+.» 8 Mugabo ku bijanye n’Umwana wayo, ivuga ngo: «Imana ni yo ntebe yawe y’ubwami+ gushika ibihe bidahera, kandi agakoni k’Ubwami bwawe ni agakoni k’ubutungane*. 9 Wakunze ubugororotsi, wanka ubugarariji. Ni co gituma Imana, Imana yawe, yakurobanuje amavuta*+ y’umunezero kuruta bagenzawe+.» 10 Kandi ngo: «Ewe Mukama, mu ntango washizeho umushinge w’isi, kandi amaboko yawe ni yo yaremye ijuru. 11 Ivyo bizovaho ariko wewe uzokwamaho. Vyose bizohera nka kurya kw’ivyambarwa. 12 Uzobizinga nk’umutamana, nk’impuzu, kandi bizohindurwa. Ariko wewe ntiwigera uhinduka, n’imyaka yawe ntiyigera ihera+.»

13 Mugabo mu bamarayika, ni nde Imana yigeze kuvugako ngo: «Icara iburyo bwanje, gushika abansi bawe ndabagize nk’intebe y’ibirenge vyawe+»? 14 Mbega bose si ibiremwa vy’impwemu bikora igikorwa ceranda*+, vyatumwe gukorera abagiye kuzotorana ubukiriro?

2 Ni co gituma bikenewe ko twitwararika ivyo twumvise+ kuruta uko dusanzwe tubigira, ngo ntitwigere tuja kure y’ukwizera tutabiciye n’ikanda*+. 2 Ijambo ryavuzwe biciye ku bamarayika+ ryabonetse ko ari iryo kwizigirwa, kandi ibicumuro vyose n’ukugambarara kwose vyarahanywe hakurikijwe ubutungane+. 3 Wumva none tuzorusimba gute nimba twafashe minenegwe ubukiriro buhambaye gutyo+? Kuko bwatanguye kuvugwa biciye ku Mukama wacu+, maze abamwumvise baremeza ivy’ubwo bukiriro mu kubutumenyesha. 4 Imana na yo yaguma ishinga intahe biciye ku bimenyetso n’ibitangaza be n’ibikorwa vy’ububasha bitandukanye+, biciye no ku mpwemu nyeranda yatanze nk’uko igomba+.

5 Kuko abamarayika atari bo yahaye kuganza isi izoza+, ari na yo turiko turavuga. 6 Mugabo hari icabona cavuze ahantu hamwe giti: «Umuntu ni iki ku buryo umwibuka? Canke umwana w’umuntu ni iki ku buryo umwitwararika+? 7 Habuze gato ngo umunganishe n’abamarayika. Wamwambitse urugori rw’ubuninahazwa n’icubahiro, wongera umushinga kugaba ibikorwa vy’amaboko yawe. 8 Vyose wabishize munsi y’ibirenge vyiwe ngo abiganze+.» Kubera ko Imana yamuhaye ibintu vyose ngo abiganze+, nta na kimwe itamuhaye kuganza+. Ariko ubu ntituramubona aganza ibintu vyose+. 9 Mugabo Yezu, umwe yashirwa munsi gatoyi y’abamarayika+, ubu turamubona yambitswe urugori rw’ubuninahazwa n’icubahiro kubera ko yashikiwe n’urupfu+. Biciye ku buntu buhebuje* bw’Imana yarahonjeje urupfu ku bw’abantu bose+.

10 Ibintu vyose biriho vyaremewe Imana kandi biriho biciye kuri yo. Kugira ngo abana bayo benshi bashikire ubuninahazwa+, vyari bibereye ko ituma Yezu aca mu mibabaro ngo abe uwutunganye+. Ni we Mboneza ibajana ku bukiriro+. 11 Kuko uwuriko arabeza n’abariko barezwa+ bose bava kuri umwe+, akaba ari co gituma adaterwa isoni no kubita benewabo+ 12 igihe avuga ngo: «Nzomenyesha izina ryawe benewacu. Nzogushemeza hagati mw’ishengero biciye ku ndirimbo+.» 13 Avuga kandi ngo: «Nzomwizigira+.» Yongerako ngo: «Ehe raba twe n’abana batoyi Yehova* yampaye+.»

14 Rero kubera ko abo «bana batoyi» ari abantu b’inyama n’amaraso*, na we nyene yabaye nka bo*+, kugira ngo biciye ku rupfu rwiwe ahindure ubusa umwe afise uburyo bwo guteza urupfu+, ni ukuvuga Shetani*+. 15 Vyongeye, kwari ukugira ngo aronse umwidegemvyo* abo bose bahoze ari abaja ubuzima bwabo bwose kubera ugutinya urupfu+. 16 Kuko vy’ukuri atariko afasha abamarayika, ahubwo ariko afasha uruvyaro* rwa Aburahamu+. 17 Ni co gituma vyabaye ngombwa ko amera nka «benewabo» mu mice yose+, ngo acike umuherezi mukuru afise imbabazi kandi w’umwizigirwa akorera Imana, kugira atange ikimazi+ c’ibicumuro vy’abantu gituma basubiza hamwe na yo*+. 18 Kubera ko we ubwiwe yashikiwe n’imibabaro igihe yariko arageragezwa+, arashoboye gutabara abariko barageragezwa+.

3 Nuko rero bavukanyi beranda musangiye uguhamagarirwa ijuru*+, muzirikane ya ntumwa akaba n’umuherezi mukuru twemera*, ari we Yezu+. 2 Yari umwizigirwa ku wamugenye+, nk’uko na Musa yari umwizigirwa mu nzu yose y’Imana+. 3 Abonwa* ko abereye ubuninahazwa+ kuruta Musa, kubera yuko uwubaka inzu afise iteka kuruta nya nzu. 4 Mu bisanzwe, inzu yose yubakwa n’umuntu, mugabo Imana ni yo yubatse ibintu vyose. 5 Musa rero yari umusuku w’umwizigirwa mu nzu yose y’Imana, igikorwa ciwe kikaba cerekeza ku bintu* vyohavuye bivugwa mu nyuma. 6 Mugabo Kristu yari umwana w’umwizigirwa+ aganza inzu y’Imana. Ni twebwe inzu y’Imana+, dukire gusa kuguma twumiye cane ku mwidegemvyo wacu wo kuvuga no ku cizigiro twiratira, gushika kw’iherezo.

7 Nk’uko rero impwemu nyeranda ibivuga+, «uyu musi nimwumviriza ijwi ryayo, 8 ntimukomantaze imitima nka ca gihe mwantera ishavu ry’umururazi, nka wa musi mwangeza mu bugaragwa+, 9 aho ba sogokuruza banyu bangerageza bakansomborotsa naho bari barabonye ibikorwa vyanje mu kiringo c’imyaka 40+. 10 Ni co catumye nsesemwa n’uru runganwe, maze mvuga nti: “Imitima yabo iguma izimira, kandi ntibigeze bamenya inzira zanje.” 11 Naciye ndahira n’ishavu n’akantu nti: “Ntibazokwinjira mu karuhuko kanje+.”»

12 Mwiyubare bavukanyi, kugira ntihagire n’umwe muri mwebwe ava kuri ya Mana nzima bigatuma agira umutima mubi utizera+. 13 Ahubwo mugume muremeshanya ku musi ku musi, hacitwa «uyu musi+», kugira ntihagire n’umwe muri mwebwe akomantaza umutima bivuye ku bubasha buhendana bw’igicumuro. 14 Kuko ducika vy’ukuri abasangira Kristu* ari uko gusa twumiye rwose gushika kw’iherezo kuri kwa kujijuka twari dufise mu ntango+. 15 Nakare tubwirwa ngo: «Uyu musi nimwumviriza ijwi ryayo, ntimukomantaze imitima nka ca gihe mwantera ishavu ry’umururazi+.»

16 None ni bande bumvise yamara bakamutera ishavu ry’umururazi? Mbega si abavuye mu Misiri bose barongowe na Musa+? 17 Vyongeye, ni bande basesemye Imana mu myaka 40+? Mbega si bamwe bacumura, imivyimba yabo ikagwa mu bugaragwa+? 18 Ni bande kandi yarahiye yuko batokwinjiye mu karuhuko kayo? Mbega si bamwe bagambarara? 19 Turabona rero ko batashoboye kukinjiramwo kubera ukutizera+.

4 Ko rero hakiriho umuhango wo kwinjira mu karuhuko kayo, tube maso* kugira ntihagire n’umwe muri mwebwe aboneka ko atabereye uwo muhango+. 2 Kuko na twebwe twamenyeshejwe inkuru nziza+ cokimwe na bo. Mugabo ijambo bumvise nta co ryabamariye, kubera ko batagize ukwizera cokimwe n’abumvirije. 3 Twebwe abizeye turinjira koko muri nya karuhuko. Ku bijanye n’ako karuhuko yavuze iti: «Naciye ndahira n’ishavu n’akantu nti: “Ntibazokwinjira mu karuhuko kanje+”», naho ibikorwa vyayo vyarangiye kuva isi ishingwa+. 4 Kuko ahantu hamwe yavuze ivy’umusi ugira indwi iti: «Maze ku musi ugira indwi, Imana iruhuka ibikorwa vyayo vyose+.» 5 Ng’aha na ho yongera kuvuga ngo: «Ntibazokwinjira mu karuhuko kanje+.»

6 Ko rero bigishoboka ko hagira abinjira muri ako karuhuko, kandi abo inkuru nziza yamenyeshejwe ubwa mbere bakaba batakinjiyemwo kubera ukugambarara+, 7 haciye igihe kirekire Imana yarongeye gushinga umusi kanaka mu kuvuga muri zaburi ya Dawidi ngo: «Uyu musi.» Nk’uko vyamaze kuvugwa, «uyu musi nimwumviriza ijwi ryayo, ntimukomantaze imitima+.» 8 Kuko iyo Yosuwa+ abinjiza ahantu h’akaruhuko, Imana ntiba yaravuze mu nyuma ivy’uwundi musi. 9 Haracasigaye rero akaruhuko k’isabato ku bantu b’Imana+. 10 Kuko umuntu yinjiye mu karuhuko k’Imana aba na we nyene aruhutse ibikorwa vyiwe, nk’uko Imana yaruhutse ivyayo+.

11 Dukore uko dushoboye kwose rero ngo twinjire muri ako karuhuko, kugira ntihagire n’umwe akurikira iyo ngendo* yo kugambarara+. 12 Kuko ijambo ry’Imana ari rizima kandi rifise ububasha+. Rirakarishe kuruta inkota iyo ari yo yose ikarishe impande zompi*+ kandi ririnjira gushika aho ritandukanya ubuzima n’impwemu*, rigatandukanya ingingo n’umusokoro. Rirashobora no gusuzuma* ivyiyumviro n’imigambi vy’umutima. 13 Kandi nta kiremwa na kimwe gihishijwe imbere yayo+. Ahubwo vyose biri gusa kandi vyashizwe ku mugaragaro imbere y’uwuzotubaza ivyo twakoze+.

14 Ko rero dufise umuherezi mukuru akomeye yinjiye mw’ijuru, ari we Yezu Umwana w’Imana+, tugume tuvuga ku mugaragaro ko tumwizera+. 15 Kuko umuherezi mukuru dufise atari umuherezi adashobora gutahura ubugoyagoye bwacu*+. Ahubwo dufise umuherezi mukuru yagejejwe mu mice yose cokimwe natwe, mugabo akaba atagira igicumuro+. 16 Twegere rero intebe y’ubuntu buhebuje* bw’Imana dufise umwidegemvyo wo kuvuga+, kugira tugirirwe imbabazi turonke n’imfashanyo ku gihe kibereye biciye ku buntu bwayo buhebuje.

5 Kuko umuherezi mukuru wese atowe mu bantu agenwa kugira akorere Imana ku neza yabo+, ashikane amashikanwa n’ibimazi ku bw’ibicumuro+. 2 Arashoboye kugirira impuhwe* abakora amakosa* kubera ukutamenya kuko na we nyene ahanzwe n’ubugoyagoye* bwiwe bwite. 3 Kandi kubera ubwo bugoyagoye, abwirizwa gushikana amashikanwa y’ibicumuro vyiwe bwite nk’uko ashikana ay’ibicumuro vy’abandi bantu+.

4 Umuntu si we yiha iryo teka ahubwo arironka gusa igihe Imana irimuhamagariye, nk’uko vyabaye kuri Aroni+. 5 Na Kristu rero ntiyihaye iteka*+ ryo kuba umuherezi mukuru, ahubwo yarihawe n’uwamubwiye ati: «Uri umwana wanje. Uyu musi ncitse so wawe+.» 6 Ahandi hantu na ho avuga ngo: «Uri umuherezi ibihe vyose mu buryo bwa Melekisedeki+.»

7 Igihe Kristu yaba kw’isi*, yaratakambiye Umwe yari ashoboye kumukiza urupfu yongera aramusaba, hariko n’amaborogo akomeye be n’amosozi+, kandi yarumviwe kubera ko yatinya Imana. 8 Naho yari umwana wayo, yarize kugamburuka biciye ku mibabaro yamushikiye+. 9 Aho amariye kugirwa uwutagira akanenge+, yacitse uwujejwe kuronsa ubukiriro bw’ibihe bidahera abamugamburukira bose+, 10 kuko Imana yamugize umuherezi mukuru mu buryo bwa Melekisedeki+.

11 Turafise vyinshi twomuvugako kandi biragoye gusigura kuko musigaye muteba kwumva. 12 Naho ubu* mwari mukwiye kuba muri abigisha, murakeneye kandi uwubigisha guhera ku ntango ibintu vy’ishimikiro*+ vy’amajambo meranda y’Imana, kandi mwasubiye kuba abantu bakeneye amata, aho kurya ibifungurwa bigumye. 13 Erega umuntu wese abandanya gutungwa n’amata aba atazi ijambo ry’ubugororotsi, kuko aba ari umwana mutoyi+. 14 Mugabo ibifungurwa bigumye ni ivy’abantu bahumuye, bamwe bakoresha ububasha bwabo bwo gutahura bakabumenyereza gutandukanya iciza n’ikibi.

6 Ko rero twarenganye inyigisho z’intango+ zerekeye Kristu, dutere tuja imbere tugana ku buhumure+, tutongera gushinga umushinge, ni ukuvuga ivy’ukwigaya ibikorwa ata co bimaze* n’ukwizera Imana, 2 inyigisho y’ivy’amabatisimu n’ivyo kurambikwako ibiganza+, izuka ry’abapfuye+ n’urubanza rw’ibihe bidahera. 3 Kandi tuzotera tuja imbere, Imana ibishatse.

4 Kuko ku bijanye n’abigeze kumurikirwa+, bagahonja ya ngabire ya gusa yo mw’ijuru, bakaronka* impwemu nyeranda, 5 bagahonja rya jambo ryiza ry’Imana n’ibintu vy’ububasha bijanye n’igihe* kizoza, 6 mugabo bakagwa+, ntibishoboka ko bongera kuvyurwa ngo bigaye, kuko baba bongeye kwimanikira Umwana w’Imana no kumutetereza ku mugaragaro+. 7 Ubutaka buraronka umuhezagiro uva ku Mana igihe bunyoye imvura ibugwako kenshi, bugaheza bugatanga ivyimburwa bifitiye akamaro ababurimirwa. 8 Mugabo iyo bwamye amahwa n’ibitovu, burahebwa kandi buba bwimirije kuvumwa. Amaherezo buraturirwa.

9 Ariko naho tuvuze gutyo ga bakundwa, turazi neza ko mwebwe bizobagendera neza kuruta abo baguye be n’uko muriko mukora ibintu bizobashikana ku bukiriro. 10 Kuko Imana igororotse, ikaba itokwibagira igikorwa canyu n’urukundo mwerekanye ko mukunda izina ryayo+ mu gukorera aberanda, n’ubu mukibandanya. 11 Mugabo dushaka ko umwe wese muri mwebwe yerekana umwete nk’uwo nyene mufise kugira mushire amazinda rwose ku vyerekeye ca cizigiro+ gushika kw’iherezo+, 12 kugira ntimube ibinebwe+ ahubwo mwigane abatorana ya mihango biciye ku kwizera n’ukwihangana.

13 Igihe Imana yaha Aburahamu umuhango, kubera ko itashobora kurahira uwundi muntu n’umwe ayiruta, yarirahiye yo ubwayo+ 14 iti: «Ni ukuri nzoguhezagira kandi nzokugwiza+.» 15 Aburahamu amaze rero kwihangana, yarahawe uwo muhango. 16 Abantu barahira uwubaruta, kandi indahiro yabo ni yo irangiza impari zose kuko baba baronse icemezo cemewe n’amategeko+. 17 Muri ubwo buryo nyene, igihe Imana yafata ingingo yo kurushiriza kwereka neza ba samuragwa b’umuhango+ ko umugambi* wayo udahinduka, yarawemeje biciye ku ndahiro*. 18 Yabigize kugira ngo biciye ku bintu bibiri bidahinduka* ituremeshe cane twebwe abahungiye ku Mana, kugira tugumye ca cizigiro twashizwe imbere. Ku bijanye n’ivyo bintu bibiri, Imana ntishobora kubesha+. 19 Ico cizigiro+ dufise kimeze nk’inanga* y’ubuzima bwacu. Ni ic’ukuri kandi kirakomeye, kikaba kitwinjiza imbere tukarengana ya rido+. 20 Aho hantu integuza yarahinjiye ku bwacu, ni ukuvuga Yezu+, uwabaye umuherezi mukuru mu buryo bwa Melekisedeki ibihe vyose+.

7 Kuko uyo Melekisedeki, umwami wa Salemu, umuherezi w’Imana Musumbavyose, yasanganiye Aburahamu igihe yari avuye gusasika abami aramuhezagira+, 2 Aburahamu aca amuha* ic’icumi c’ivyo yari yagaruje vyose. Ubwa mbere hoho izina ryiwe risobanura ngo «Umwami w’ubugororotsi.» Vyongeye, ni umwami wa Salemu, ni ukuvuga «Umwami w’amahoro.» 3 Kubera ko atagira se, ntagire nyina canke amamuko, kandi intango n’iherezo ry’ubuzima bwiwe bikaba ata ho vyanditswe, bituma amera nk’Umwana w’Imana, akaguma ari umuherezi ibihe vyose+.

4 Iyumvire namwe ingene uwo muntu yari ahambaye, umuntu Aburahamu wa mukuru* w’umuryango yahaye ic’icumi mu bintu vyizavyiza yari yanyaze+. 5 Ego ni ko, hisunzwe amategeko, Abalewi+ bafise ibanga ry’ubuherezi basabwa kwegeranya ivy’icumi mu bantu+, ni ukuvuga muri benewabo, naho abo benewabo bakomoka kuri Aburahamu*. 6 Mugabo wa muntu atamuka muri bo yarakiriye ivy’icumi ahawe na Aburahamu, uwari yarahawe imihango, yongera aramuhezagira+. 7 Nta wohakana ko umuntu mutoyi ahezagirwa n’umukuru. 8 Vyongeye, Abalewi baronka ivy’icumi ni abantu bapfa, mugabo uwo muntu wundi yaronse ivy’icumi, ashingirwa intahe yuko ari muzima+. 9 Kandi twovuga ko na Lewi umwe yahabwa ivy’icumi, yabitanze biciye kuri Aburahamu, 10 kuko yari akiri mu nda* ya sekuruza igihe Melekisedeki yamusanganira+.

11 Ubuherezi bw’Abalewi bwashizweho hisunzwe amategeko yahawe abantu+. Iyaba bwashobora gutuma abantu baba abatagira akanenge, kubera iki vyokwiriwe birakenerwa ko haboneka uwundi muherezi ameze nka Melekisedeki+ aho kumera nka Aroni? 12 Ko rero ubuherezi buriko burahindurwa, bica biba ngombwa ko n’amategeko ahindurwa+. 13 Kuko umuntu avugwako ivyo bintu yavuye mu wundi muryango kandi nta n’umwe akomoka muri uwo muryango yakoreye ku gicaniro+. 14 Si agaseseshwarumuri yuko Umukama wacu yakomotse mu muryango wa Yuda+, ariko Musa nta baherezi yavuze bakomoka muri uwo muryango.

15 Kandi ivyo birarushiriza kwibonekeza cane kuko ubu habonetse uwundi muherezi+ ameze nka Melekisedeki+. 16 Ntiyamubaye hisunzwe itegeko risaba ko akomoka mu muryango kanaka, ahubwo yamubaye hisunzwe ububasha butuma agira ubuzima budashobora gukurwaho+, 17 kuko ashingirwa intahe ngo: «Uri umuherezi ibihe vyose mu buryo bwa Melekisedeki+.»

18 Ibwirizwa ryahahora rero rirakurwaho kubera rigoyagoya no kubera ko ata co rishikako+. 19 Kuko ata kintu na kimwe cabaye ikitagira akanenge biciye ku mategeko+. Mugabo icizigiro ciza kuruta+ duhabwa n’Imana carabishitseko, kandi biciye kuri co turiko turegera Imana+. 20 Vyongeye, Yezu yabaye umuherezi biciye ku ndahiro. 21 (Hariho vy’ukuri abantu babaye abaherezi bidaciye ku ndahiro. Mugabo uyo wewe yamubaye biciye ku ndahiro imwerekeye yarahiwe n’Umwe yavuga ati: «Yehova* yararahiye, kandi ntazokwivuguruza*. Yavuze ati: “Uri umuherezi ibihe vyose+.”») 22 Ni co gituma Yezu yacitse ikimenyamenya cemeza isezerano* ryiza kuruta+. 23 Vyongeye, abaherezi benshi barakurakuranywe+ kubera ko urupfu rwababuza kuguma muri iryo banga. 24 Mugabo uwo muherezi we kubera ko aguma ari muzima ibihe vyose+, nta wumusubirira. 25 Arashoboye rero no gukiza neza abariko baregera Imana biciye kuri we, kuko yama ari muzima kugira atakambe ku bwabo+.

26 Birabereye ko tugira umuherezi mukuru nk’uwo: ntahemuka, ni intungane, ntahumanye+, nta ho ahuriye n’abacumuzi, kandi yashizwe hejuru y’amajuru+. 27 Aratandukanye na ba baherezi bakuru kuko we adakeneye gushikana ibimazi buri musi+, ubwa mbere ku bw’ibicumuro vyiwe bwite hanyuma ku bw’ibicumuro vy’abantu+ (kuko ivyo yabigize rimwe rizima igihe yishikana+). 28 Kuko amategeko agena abantu bafise ubugoyagoye ngo babe abaherezi bakuru+, mugabo ijambo rya ya ndahiro+ yarahiwe inyuma y’amategeko rikagena Umwana. Uwo mwana yagizwe uwutunganye+ ibihe vyose.

8 Mu vyo turiko turavuga rero, iciyumviro nyamukuru ni iki: dufise umuherezi mukuru mwene uyo+, kandi yicaye iburyo bw’intebe y’ubwami ya Nyenicubahiro mw’ijuru+, 2 akaba ari umusuku* w’ahantu heranda+ no mw’ihema nyakuri ryashinzwe na Yehova*, ritashinzwe n’umuntu. 3 Mu bisanzwe, umuherezi mukuru wese agenwa kugira ashikane amashikanwa n’ibimazi. Ni co gituma vyari bikenewe ko uyo na we aronka ico ashikana+. 4 Iyo aba ari kw’isi, ntiyobaye umuherezi+ kuko hasanzwe hari abantu bashikana amashikanwa hisunzwe amategeko. 5 Igikorwa ceranda abo bantu bakora kigereranya ibintu vyo mw’ijuru+ kikaba n’igitutu cavyo+. Ivyo birerekanwa n’itegeko Imana yahaye Musa igihe yagira yubake ihema, kuko ivuga iti: «Vyose uze witwararike kubikora wisunze akarorero nakweretse ku musozi+.» 6 Mugabo ubu Yezu yaronse igikorwa* kirushirije kuba ciza cane, kubera ari n’umuhuza+ w’isezerano ryiza kuruta+ ryashinzwe mu buryo bwemewe hishimikijwe imihango myiza kuruta+.

7 Iyo iryo sezerano rya mbere riza kuba ritagira amahinyu, irya kabiri ntiryokenewe+. 8 Kuko yerekana ko abantu bafise amahinyu igihe ivuga iti: «Yehova* avuze ati: “Mu misi iri imbere, nzogirana isezerano rishasha n’Abisirayeli be n’abo mu Buyuda. 9 Ntirizoba rimeze nka rya sezerano nagirana na ba sekuruza ku musi nabafata ukuboko nkabakura mu gihugu ca Misiri+. Kubera ko batagumye mw’isezerano ryanje, naciye ndeka kubitwararika”, ni ko Yehova* avuze.»

10 «“Kuko iri ari ryo sezerano nzogirana n’Abisirayeli inyuma y’iyo misi”, ni ko Yehova* avuze. “Nzoshira amategeko yanje mu bwenge* bwabo, ndayandike mu mitima yabo+. Nzoba Imana yabo, na bo babe abantu banje+.

11 Nta wuzosubira kwigisha umwenegihugu mugenziwe canke mwenewabo, ababwira ngo: ‘Nimumenye Yehova*!’, kuko bose bazomenya kuva ku muto muri bo gushika ku mukuru. 12 Nzobabarira ibintu bitagororotse bakoze, kandi ibicumuro vyabo sinzosubira kuvyibuka+.”»

13 Igihe ivuga ngo «isezerano rishasha», irya kera iba irigize iryataye igihe+. Ikintu rero cataye igihe kandi kiriko kirasaza kiba kiri mu kuvaho+.

9 Iryo sezerano rya kera ryari rifise amategeko agenga igikorwa ceranda n’ahantu haryo heranda+ ho kw’isi. 2 Kuko hari harubatswe ihema. Mu cumba ca mbere harimwo ico baterekako amatara+ hamwe n’imeza be n’imikate y’ishikanwa* bayiterekako+, kikaba citwa Aheranda+. 3 Mugabo inyuma y’irido igira kabiri+ hari icumba c’ihema citwa Aheranda cane+. 4 Ico cumba carimwo agapanu k’inzahabu+ batuririramwo imibavu be n’isandugu y’isezerano+ ihometseko inzahabu hose+. Iyo sandugu yarimwo umubindi w’inzahabu urimwo manu+ na ya nkoni ya Aroni yanaga+ be na vya bisate+ vy’isezerano. 5 Hejuru yayo hari ba bakerubi bafise ubuninahazwa babera igitutu* umufuniko w’impongano*+. Mugabo ubu si co gihe co kuvuga ivyo bintu ido n’ido.

6 Ivyo bintu bimaze kwubakwa gutyo, abaherezi bama binjira mu cumba ca mbere c’ihema kugira bakore ibikorwa vyeranda+. 7 Mugabo rimwe mu mwaka, umuherezi mukuru arinjira mu cumba ca kabiri ari wenyene+. Ategerezwa kwinjirayo afise amaraso+ ashikana ku bwiwe+ no ku bw’ibicumuro abantu+ bakoze mu kutamenya. 8 Gutyo impwemu nyeranda irerekana neza yuko inzira ija ahantu heranda itari bwahishurwe igihe rya hema rya mbere ryari rikiriho+. 9 Iryo hema rigereranya ivy’iki gihe+, kandi biciye kuri iyo ntunganyo, amashikanwa n’ibimazi biratangwa+. Ariko ivyo ntibishobora gutuma uwukora igikorwa ceranda agira ijwi ryo mu mutima ritagira akanenge+. 10 Ivyo bimazi n’amashikanwa vyari bijanye gusa n’ibifungurwa n’ibinyobwa be n’ivyo kwiyuhagira no kwoza ibintu nk’uko bisabwa*+. Vyari ibintu bisabwa n’amategeko bijanye n’ivy’umubiri+, kandi vyaragizwe itegeko gushika igihe cashinzwe co kugorora ibintu kigeze.

11 Ariko igihe Kristu yaza ari umuherezi mukuru w’ibintu vyiza bimaze kuba, yaciye mw’ihema rihambaye kuruta kandi ritunganye kuruta, ritakozwe n’amaboko, ni ukuvuga ritari iryo kw’isi. 12 Yarinjiye ahantu heranda, mugabo ntiyinjiranye amaraso y’impene n’ay’amashuri, ahubwo yinjiranye amaraso yiwe bwite+ rimwe rizima, maze biciye kuri we turonka ubukiriro* bw’ibihe bidahera+. 13 Nakare nimba amaraso y’impene n’ay’impfizi+ be n’iminyota y’ishashi* imijagirwa ku bahumanye vyeza umubiri bikawuhumanura+, 14 hari akantu amaraso ya Kristu+, umwe yishikanye ku Mana atagira akanenge* biciye ku mpwemu idahera. Amaraso yiwe arahumanura ijwi ryacu ryo mu mutima rigakira ibikorwa ata co bimaze*+ kugira dukorere ya Mana nzima igikorwa ceranda+.

15 Ni co gituma ari umuhuza w’isezerano rishasha+, kugira ngo abahamagawe baronke wa muhango w’intoranwa yamaho, kubera ko yapfuye ngo biciye ku ncungu+ babohorwe ibicumuro bakoze mu gihe c’isezerano rya kera+. 16 Kuko iyo umuntu agiranye isezerano n’Imana, umuntu yagize iryo sezerano abwirizwa gupfa, 17 kubera ko isezerano rigira ububasha habanje kuba urupfu*. Ntiryigera rikora iyo uwugize isezerano akiriho. 18 Ni co gituma n’isezerano rya kera ryagiye mu ngiro* habanje guseseka amaraso. 19 Musa amaze kubwira abantu bose amabwirizwa yose ari mu mategeko, yafashe amaraso y’amashuri n’ay’impene n’amazi n’ubwoya bw’agahama n’uduti twa ezobu, amijagira igitabu* c’isezerano n’abantu bose, 20 avuga ati: «Aya ni amaraso y’isezerano Imana ibategetse kwubahiriza+.» 21 Ihema be n’ibikoresho vyose vyakoreshwa igikorwa ceranda* na vyo nyene yabimijagiye amaraso+. 22 Emwe hisunzwe amategeko, ibintu nka vyose birahumanuzwa amaraso+, kandi hadasheshwe amaraso nta kubabarirwa kuhaba+.

23 Vyari nkenerwa rero yuko ivyo bintu vyagereranya+ ibintu vyo mw’ijuru bihumanurwa biciye kuri ivyo bimazi+. Mugabo ibintu vyo mw’ijuru ubwavyo bisaba guhumanurwa biciye ku bimazi vyiza kuruta ivyo. 24 Kuko Kristu atinjiye ahantu heranda hakozwe n’amaboko+ hagereranya ahantu heranda nyaho+, ahubwo yinjiye mw’ijuru ubwaho+, ku buryo ubu aduserukira imbere* y’Imana+. 25 Ivyo ntiyabigize kugira aze arishikana kenshi, nka kurya umuherezi mukuru yinjira ahantu heranda uko umwaka utashe+ afise amaraso atari ayiwe. 26 Ahandiho, yobwirijwe kubabara kenshi kuva isi ishingwa. Mugabo ubu yariyerekanye rimwe rizima ku nsozero y’ibihe* kugira akureho igicumuro biciye ku kimazi ciwe ubwiwe+. 27 Kurya nyene abantu bapfa rimwe rizima, mugabo mu nyuma bakazocirwa urubanza, 28 ni ko na Kristu yishikanye rimwe rizima kugira yikorere ibicumuro vya benshi+. Aho azobonekera irigira kabiri ntazoba azanywe n’ibicumuro*, kandi azobonwa n’abamurindiranye igishika kugira baronke ubukiriro+.

10 Kubera ko amategeko ari igitutu+ c’ibintu vyiza bizoza+, atari ivyo bintu nyezina, ntashobora* kwigera atuma abegera Imana baba abatagira akanenge+ hakoreshejwe vya bimazi nyene biguma bishikanwa ku mwaka ku mwaka. 2 Ahandiho ibimazi vyari kureka gutangwa, kubera ko abakora igikorwa ceranda batosubiye kugira ijwi ryo mu mutima ribagiriza icaha bamaze guhumanurwa. 3 Ahubwo ivyo bimazi vyibutsa abantu buri mwaka ko ari abacumuzi+, 4 kuko bidashoboka ko amaraso y’impfizi n’ay’impene akuraho ibicumuro.

5 Ni co gituma igihe yaza mw’isi yavuze ati: «“Ibimazi n’amashikanwa ntiwabishatse, mugabo wanteguriye umubiri. 6 Ntiwashimye amashikanwa aturirwa uko yakabaye be n’amashikanwa y’igicumuro+.” 7 Ndaheza mvuga nti: “Ehe ndaje (ni ko vyanditswe mu muzingo* ku binyerekeye) ewe Mana yanje, nje gukora ivyo ugomba+.”» 8 Yabanje kuvuga ngo: «Ibimazi n’amashikanwa, n’amashikanwa aturirwa uko yakabaye be n’amashikanwa y’igicumuro ntiwabishatse canke ngo ubishime», ivyo bikaba ari ibimazi vyashikanwa hisunzwe amategeko. 9 Hanyuma aca avuga ati: «Ehe ndaje gukora ivyo ugomba+.» Akuraho ivya mbere kugira ashinge ivya kabiri. 10 Kubera ukwo «kugomba+», twarejejwe biciye ku mubiri wa Yezu Kristu washikanywe rimwe rizima+.

11 Vyongeye, umuherezi wese atonda mu kibanza ciwe ku musi ku musi kugira akore igikorwa ceranda*+ no kugira agume ashikana vya bimazi nyene+ bidashobora kwigera bikuraho ibicumuro buhere+. 12 Mugabo uwo muntu yashikanye ikimazi kimwe c’ibicumuro ku bw’ibihe vyose, hanyuma yicara iburyo bw’Imana+. 13 Kuva ubwo yaciye arindira ko abansi biwe bagirwa nk’intebe y’ibirenge vyiwe+. 14 Kuko biciye ku kimazi kimwe yatanze, yatumye abariko barezwa baba abatunganye+ ibihe vyose. 15 Vyongeye, impwemu nyeranda na yo nyene iradushingira intahe kuko ibanza kuvuga iti: 16 «“Iri ni ryo sezerano nzogirana na bo inyuma y’iyo misi”, ni ko Yehova* avuze. “Nzoshira amategeko yanje mu mitima yabo, ndayandike mu bwenge* bwabo+.”» 17 Irongera ikavuga iti: «“Sinzosubira kwibuka ibicumuro vyabo n’ibikorwa vyabo vy’ubugarariji+.”» 18 Igihe Imana rero ibabariye ivyo bintu, nta shikanwa ry’igicumuro riba rigitangwa.

19 Ku bw’ivyo bavukanyi, turashobora guca mu nzira yinjira ahantu heranda+ ata bwoba dufise* biciye ku maraso ya Yezu. 20 Iyo nzira yayitwugururiye* ari inzira nshasha kandi nzima ica muri ya rido+, ari wo mubiri wiwe. 21 Vyongeye, turafise umuherezi akomeye aganza inzu y’Imana+. 22 Twegere rero Imana dufise imitima itagira uburyarya be n’ukwizera gukwiye, dufise n’imitima yamijagiwe ikozwa ijwi ribi ryo mu mutima+, n’imibiri yacu ikuhagizwa amazi atyoroye+. 23 Dushishikare kuvugira ku mugaragaro icizigiro cacu tudahungabana+, kuko uwaduhaye umuhango ari umwizigirwa. 24 Kandi twiyumvirane* kugira duterane intege zo gukundana* no gukora ibikorwa vyiza+. 25 Ntiduhebe gukoranira hamwe+ nk’uko bamwe bahora babigira, ahubwo turemeshanye+ kandi turushirize kubigira uko tubona wa musi wegereza+.

26 Kuko tugiye turacumura n’ibigirankana tumaze kumenya neza ukuri+, ata kimazi c’ibicumuro kiba kigisigaye+. 27 Ahubwo ikiba gisigaye ni ukwitegana ubwoba urubanza n’ishavu rirurumba rigiye kuyigiza abarwanya Imana+. 28 Umuntu wese akengereye amategeko ya Musa aricwa ata kagongwe, habonetse ivyabona bibiri canke bitatu+. 29 None umuntu ahonyanze Umwana w’Imana, agafata ibisanzwe amaraso y’isezerano+ yatumye yezwa, akongera agatuka ya mpwemu y’ubuntu buhebuje* n’akagaye n’akantu, wiyumvira ko atazoronka igihano kiruta ico+? 30 Kuko tuzi uwavuze ati: «Uguhōra ni ukwanje. Ni jewe nzosubiriza umuntu mu nkoko.» Yavuze kandi ati: «Yehova* azocira urubanza abantu biwe+.» 31 Birateye ubwoba gukorokera mu maboko y’Imana nzima.

32 Ariko mugume mwibuka imisi ya kera, hamwe mwihanganira urugamba rukomeye mu mibabaro inyuma y’aho mumariye kumurikirwa+. 33 Hari igihe mwashirwa ku mugaragaro* mugatukwa, mukagira n’amakuba. Hari n’igihe mwifatanya n’abariko* barashikirwa na mwene ivyo bintu. 34 Mwarerekanye ko mubabarana n’abari mw’ibohero, kandi mwaremeye munezerewe gusahurwa ivyanyu+, muzi yuko mwebwe ubwanyu mufise itunga ryiza kuruta kandi riramba+.

35 Ntimutakaze rero ubutinyutsi mufise*, bumwe buzotuma muhabwa impembo nini+. 36 Murakeneye ukwihangana+, kugira ngo mumaze gukora ivyo Imana igomba mubone iranguka ry’ivyasezeranywe. 37 Kuko hasigaye «akanya gato cane+», kandi «umwe ariko araza azoshika kandi ntazoteba+.» 38 «Mugabo umusavyi wanje w’umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera+», kandi «niyasubira inyuma ntazompimbara*+.» 39 Twebwe rero ntituri muri bamwe basubira inyuma ngo bahone+, ahubwo turi muri bamwe bafise ukwizera ngo bazigamirwe ubuzima.

11 Ukwizera ni ukwemera udakeka yuko ivyo wizigiye bizoba+. Ni ikimenyamenya kijijura* yuko ibintu utabona biriho koko. 2 Biciye ku kwizera, abantu bo mu bihe vya kera* barashingiwe intahe n’Imana.

3 Kubera ukwizera turatahura yuko ibiriho vyose* vyashizweho* biciye kw’itegeko ry’Imana, ku buryo ivyo tubona vyaje biva mu vyo tutabona.

4 Kubera ukwizera, Abeli yarashikaniye Imana ikimazi c’agaciro kanini kurusha ica Kayini+. Kandi biciye kuri ukwo kwizera yarashingiwe intahe yuko yari umugororotsi, kuko Imana yashimye* amashikanwa yiwe+. Biciye ku kwizera kwiwe, naho yapfuye aracavuga+.

5 Kubera ukwizera, Henoki+ yaratwawe* kugira ntiyicwe, kandi nta na hamwe yaboneka kubera ko Imana yari yamutwaye+. Imbere y’uko atwarwa yari yashingiwe intahe yuko yahimbaye Imana vy’ukuri. 6 Vyongeye, umuntu adafise ukwizera ntashobora guhimbara Imana vy’ukuri, kuko uwegera Imana ategerezwa kwemera yuko iriho be n’uko ihemba abayironderana umwete+.

7 Kubera ukwizera, Nowa+ amaze kuburirwa n’Imana ku bintu bitari bwabonwe+, yarerekanye ko atinya Imana, arubaka ubwato+ bwo gukiza abo mu rugo rwiwe. Ukwo kwizera kwiwe ni kwo kwatumye isi icirwa urubanza+, kandi yariswe umugororotsi* biciye kuri ukwo kwizera.

8 Kubera ukwizera, igihe Aburahamu+ yahamagarwa, yaragamburutse aragenda, aja ahantu yari guhabwa nk’intoranwa. Yaragiye naho atari azi iyo yariko araja+. 9 Kubera ukwizera, yabayeho ari umunyamahanga mu gihugu yasezeraniwe+, abana mu mahema+ na Izahaki na Yakobo, abarazwe umuhango na we nyene yahawe+. 10 Kuko yari arorereye ca gisagara gifise imishinge nyayo, categuwe* congera cubakwa n’Imana+.

11 Kubera ukwizera nyene, Sara yarashoboye gusama inda* naho yari yararenganye imyaka yavyo+, kuko yabonye ko uwabisezeranye ari umwizigirwa. 12 Ni co gituma biciye ku mugabo umwe yari ameze nk’uwapfuye*+, havutse abana benshi+ nk’inyenyeri zo kw’ijuru kandi badaharurika nk’umusenyi wo ku nkengera y’ikiyaga+.

13 Abo bose bapfiriye mu kwizera naho batabonye iranguka ry’iyo mihango+. Mugabo bayiboneye kure+ barayiha ikaze bongera baravuga ku mugaragaro yuko ari abanyamahanga n’ingenzi muri nya gihugu. 14 Kuko mu kuvuga gutyo abantu baba berekanye yuko bariko baronderana umwete ahantu habo bwite. 15 Yamara iyo baguma bibuka iyo bavuye+ baba bararonse akaryo ko gusubirayo. 16 Mugabo ubu bariko barondera gushikira ahantu heza kuruta, ni ukuvuga ahantu hegukira ijuru. Ni co gituma Imana idaterwa isoni na bo, ngo iterwe isoni no kwambazwa nk’Imana* yabo+, kuko yabateguriye igisagara+.

17 Kubera ukwizera, igihe Aburahamu yagezwa+, yabaye nk’aho atanze Izahaki nk’ikimazi. Uwo mugabo yari yarakiranye umunezero ya mihango, yagerageje gutanga umwana wiwe w’ikinege+. 18 Ivyo yabigize naho yari yabwiwe ngo: «Uruvyaro* nagusezeraniye ruzoboneka biciye kuri Izahaki+.» 19 Mugabo yari azi ko Imana ishoboye no kumuzura mu bapfuye, kandi yaramuronse nk’uwuvuye mu bapfuye, mu buryo bw’ikigereranyo+.

20 Kubera ukwizera nyene, Izahaki yarahezagiye Yakobo+ na Esawu+, ababwira ibizoba.

21 Kubera ukwizera, igihe Yakobo yagira apfe+, yarahezagiye umwe wese mu bahungu ba Yozefu+ yongera arasenga yishimikije umutwe w’inkoni yiwe+.

22 Kubera ukwizera, igihe Yozefu yari yegereje gupfa, yaravuze ivy’uko Abisirayeli bovuye mu Misiri, yongera abategeka ingene bazogenza amagufa yiwe*+.

23 Kubera ukwizera, abavyeyi ba Musa baramunyegeje amezi atatu amaze kuvuka+, kuko babonye ko ako kana kari keza+. Ntibatinye itegeko ry’umwami+. 24 Kubera ukwizera, Musa amaze gukura+ yaranse kwitwa umuhungu w’umukobwa wa Farawo+, 25 ahitamwo gufatanwa nabi n’abantu b’Imana aho kunezererwa igicumuro akanya gato. 26 Yabigize kubera ko yabonye yuko gukengerwa nk’uwarobanuwe n’Imana* ari ubutunzi buruta amatunga yo mu Misiri, kuko yagumije ijisho ku mpembo yotanzwe. 27 Kubera ukwizera yaravuye mu Misiri+, mugabo atari kubera ugutinya ishavu ry’umwami+, kuko yagumye ashikamye nk’aho abona Umwe ataboneka+. 28 Kubera ukwizera yarahimbaje Pasika yongera amijagira amaraso ku bishimaryango, kugira ngo uwuhonya ntagirire nabi imfura zabo*+.

29 Kubera ukwizera, baraciye mu kiyaga Gitukura nk’abaca ahantu humutse+, mugabo Abanyamisiri bagerageje kuhaca baciye bamirwa n’ikiyaga+.

30 Kubera ukwizera, uruzitiro rw’i Yeriko rwaratemvye abantu bamaze kuruzunguruka imisi indwi+. 31 Kubera ukwizera, wa mumaraya Rahabu ntiyatikiranye n’abagambarariye Imana, kuko yakiranye amahoro ba bantu bari baje gusuma urusaku*+.

32 Mvuge iki kandi? Umwanya womperana ntandukiriye ivya Gideyoni+, Baraki+, Samusoni+, Yefuta+, Dawidi+, Samweli+ n’abandi bahanuzi. 33 Kubera ukwizera baranesheje ubwami butandukanye+, baratsimbataza ubugororotsi, barahabwa imihango+, barugara iminwa y’intambwe+, 34 barazimya amakari y’umuriro+, bararokoka inkota+, baragirwa abanyabubasha kandi bari goyigoyi+, baraba intwari mu ntambara+, barakinagiza ingabo zari zije kubatera+. 35 Abagore barakiriye biciye kw’izuka+ ababo bari bapfuye, mugabo abandi bantu barasinzikarijwe ubuzima kubera ko banse kurekurwa hatanzwe incungu. Babigize kubera ko bipfuza gushikira izuka ryiza kuruta. 36 Emwe, abandi barageragejwe mu gucokorwa no mu gukubitwa ibimoko, eka mbere baboheshwa iminyororo+, batabwa no mu mabohero+. 37 Baratewe amabuye+, barageragezwa, bakerezwa imisumeno babacamwo kubiri, bicishwa inkota+, bagenda bambaye inshato z’intama n’iz’impene+. Bari mu bukene no mu makuba+, kandi baragirirwa nabi+. 38 Isi ntiyari ibabereye. Barayerera mu bugaragwa, mu misozi, mu masenga+ no mu myobo y’isi.

39 Yamara abo bose, naho bashingiwe intahe nziza kubera ukwizera kwabo, ntibabonye iranguka rya wa muhango, 40 kuko Imana yari yatuboneye imbere y’igihe ikintu ciza kuruta+, kugira ngo ntibagirwe abatunganye tutarimwo.

12 Nuko rero, ko dufise umugwi* munini ukuraho w’ivyabona udukikuje, twiyambure natwe ibituremera vyose n’igicumuro kitwizingirako bitagoranye+, twongere twiruke twihanganye muri rya siganwa twashirwa imbere+, 2 dushinze ijisho Yezu+, ya Mboneza akaba na we atuma ukwizera kwacu kuba ukutagira akanenge. Kubera akanyamuneza yashizwe imbere yarihanganiye igiti co kubabarizwako*, ntivyamutera isoni, ubu akaba yicaye iburyo bw’intebe y’ubwami y’Imana+. 3 Muzirikane rero mwitonze ibijanye n’umwe yihanganira ibihari vyinshi abacumuzi+ bamuhaririza bigirira nabi, kugira ntimuruhe ngo mutane n’akabando*+.

4 Mu rugamba rwanyu rwo kurwanya igicumuro, ntimurigera mushika aho mwicwa. 5 Kandi mwaribagiye rwose impanuro ihambaye muhabwa nk’abana ngo: «Mwananje, ntugaye ugutozwa indero kuva kuri Yehova*, canke ngo utane n’akabando igihe agukosoye, 6 kuko Yehova* atoza indero uwo akunda, agahana* uwo wese yemera nk’umwana wiwe+.»

7 Mukwiye kwihangana kugira mutozwe indero*. Imana iriko ibafata nk’abana bayo+. None hari umwana adatozwa indero na se+? 8 Mugabo nimba mwese mudatozwa iyo ndero, mu vy’ukuri muri ibivyarwa, ntimuri abana bayo. 9 Vyongeye, ba data* bahora badutoza indero kandi twarabubaha. None kugira tubeho, ntidukwiye kurushiriza kuyobokera Data tubikunze, umwe ayobora ubuzima bwacu biciye ku mpwemu yiwe nyeranda+? 10 Kuko bo badutoje indero igihe gito bisunze ivyo babona ko ari vyiza, mugabo Imana yoyo ibigira ku nyungu yacu kugira tube beranda nk’uko na yo ari nyeranda+. 11 Vy’ukuri, nta gutozwa indero kuboneka muri uwo mwanya ko guteye umunezero, ahubwo gutera umubabaro*. Yamara mu nyuma, abemeye gutozwa indero bituma baronka amahoro n’ubugororotsi*.

12 Nuko rero, mukomeze amaboko aregarega n’amavi agoyagoya+, 13 kandi mubandanye kugorora inzira ibirenge vyanyu bicamwo+, kugira igihimba gicumbagira ntigitane ahubwo gikire. 14 Mugume murondera kugiranira amahoro n’abantu bose+ no kuba beranda*+, kubera ko umuntu atari mweranda atazobona Umukama. 15 Murabe neza ntihagire n’umwe ataronka ubuntu buhebuje* bw’Imana ngo umuzi w’ubumara ntuhave umera ugatera ingorane, ugahumanya abatari bake+. 16 Murabe kandi muri mwebwe ntihabe umusambanyi* canke umuntu adaha agaciro ibintu vyeranda nka Esawu, umwe yaheba uburenganzira bwiwe bw’imfura abukavye isahani imwe y’imfungurwa+. 17 Kuko muzi yuko mu nyuma igihe yashaka gutorana umuhezagiro atavyemerewe. Naho yagerageje guhindura ivyiyumviro vya se hariko n’amosozi+, nta co vyavuyemwo*.

18 Kuko mutegereye umusozi ushobora gukorakorwa+ canke ururumba umuriro+, umusozi wuzuyeko igicu cijimye n’umwiza w’umuzitanya n’igihuhusi+, 19 n’ugusamirana kw’urumbete+ n’ijwi ry’uwuvuga+. Aho abantu bumviye iryo jwi baratakamvye ngo ntihagire ikindi kintu babwirwa+. 20 Kuko batashobora kwihanganira itegeko rigira riti: «Mbere n’igitungwa kizokora ku musozi, kize giterwe amabuye+.» 21 Vyongeye, ivyo bintu babonye vyari biteye ubwoba rwose ku buryo Musa yavuze ati: «Numva ubwoba kandi ndiko ndajugumira+.» 22 Ahubwo mwegereye umusozi Siyoni+ n’igisagara c’Imana nzima, ni ukuvuga Yeruzalemu yo mw’ijuru+, n’abamarayika ibihumbi n’ibihumbi* 23 bakoraniye hamwe+, be n’ishengero ry’imfura zanditswe mw’ijuru. Mwegereye kandi Imana yo Mucamanza wa bose+, n’abagororotsi babayeho mu buryo buhuye n’impwemu nyeranda+ kandi bagizwe abatunganye+, 24 mwegera na Yezu umuhuza+ w’isezerano rishasha+, n’amaraso yamijagiwe, avuga mu buryo bwiza kuruta aya Abeli+.

25 Muraba maso ntimureke kwumviriza* uwuriko aravuga. Kuko nimba bamwe banka kwumviriza uwariko aratangira kw’isi imburi iva ku Mana batarusimvye, hari akantu twebwe nitwaha umugongo umwe avugira mw’ijuru+! 26 Ico gihe ijwi ryiwe ryaranyiganyije isi+, mugabo ubu yasezeranye ati: «Ngira nyiganyize isi rindi rimwe, n’ijuru ndarinyiganyize+.» 27 Iyo mvugo rero ngo «rindi rimwe», yerekana ikurwaho ry’ibintu binyiganyizwa, ni ukuvuga ibintu vyakozwe, kugira ibitanyiganyizwa bigumeho. 28 Ko rero tubwirizwa kuronka Ubwami budashobora kunyiganyizwa, tubandanye kwungukira ku buntu buhebuje bw’Imana, biciye kuri bwo tukaba dushobora gukorera Imana igikorwa ceranda yemera, tuyitinya kandi tuyubaha. 29 Erega Imana yacu ni umuriro utema ugatongora+.

13 Mubandanye gukunda abavukanyi banyu+. 2 Ntimwibagire kwakirana*+, kuko vyatumye bamwe baha indaro abamarayika batabizi+. 3 Mugume mwibuka abari mw’ibohero*+ nk’aho mubohanywe na bo+, be n’abariko barafatwa nabi, kuko namwe ubwanyu muri mu mubiri*. 4 Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka muri bose, kandi uburiri bw’ababiranye bube ubudahumanye+, kuko Imana izocira urubanza abasambanyi* n’abarenga ibigo+. 5 Mu buzima bwanyu ntimurangwe no gukunda amahera+, ahubwo mubumbwe n’ibintu mufise ubu+. Kuko Imana yavuze iti: «Sinzokwigera ndaguta, kandi sinzokwigera ndaguheba+.» 6 Turashobora rero kugira umutima rugabo tukavuga duti: «Yehova* ni umutabazi wanje, nta co nzotinya. Mbega umuntu yongira iki+?»

7 Mwibuke ababaja imbere+, bababwiye ijambo ry’Imana. Uko mwihweza ivyiza biva mu ngeso zabo, mwigane ukwizera kwabo+.

8 Uko Yezu Kristu yari ejo, ni ko ari n’uyu musi, kandi ni ko azokwama ibihe vyose.

9 Ntimuzimizwe n’inyigisho zitandukanye kandi z’ivyaduka, kuko ari vyiza ko umutima ukomezwa n’ubuntu buhebuje*, hako ukomezwa n’ibifungurwa* ata co vyungura abavyishinga+.

10 Igicaniro dufise, abakora igikorwa ceranda kw’ihema nta burenganzira bafise bwo kurya ibiri kuri co+. 11 Kuko imivyimba y’ibitungwa bitangwa n’abo bantu ituririrwa inyuma y’ikambi, amaraso yavyo akinjizwa n’umuherezi mukuru ahantu heranda ngo abe ishikanwa ry’igicumuro+. 12 Ni co gituma na Yezu yababarijwe inyuma y’irembo ry’igisagara+ kugira yeze abantu akoresheje amaraso yiwe bwite+. 13 Tuje kuri we rero inyuma y’ikambi, twemere gukengerwa nk’uko yakengerewe+, 14 kuko ng’aha tutahafise igisagara camaho, ahubwo turiko turonderana umwete kimwe kizoza+. 15 Biciye kuri we, twame dushikanira Imana ikimazi c’ishemezo+, ni ukuvuga icamwa c’iminwa yacu+ ivuga ku mugaragaro izina ryayo+. 16 Vyongeye, ntimwibagire gukora iciza no gusangira n’abandi ivyo mufise+, kuko Imana ihimbarwa rwose na mwene ivyo bimazi+.

17 Mugamburukire ababaja imbere+ kandi mubayobokere+, kuko baguma babitwararika* nk’abazobibazwa+, kugira babikorane akanyamuneza, bataniha, kuko ari mwebwe vyogirira nabi.

18 Mugume mudusengera, kuko tuzi neza yuko turi n’ijwi ryo mu mutima ryiza*, tukaba dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose+. 19 Mugabo ndabinginga nshimitse ngo mudusengere, kugira ngaruke iwanyu vuba hashoboka.

20 Ya Mana y’amahoro rero, imwe yakura Umukama wacu Yezu mu bapfuye afise amaraso y’isezerano ry’ibihe bidahera, akaba ari na we mwungere mukuru+ w’intama, 21 ibaronse ikintu ciza cose kugira mukore ivyo igomba. Biciye kuri Yezu Kristu, Imana iratuma dukora ibiyihimbara cane. Nininahazwe gushika ibihe bidahera. Amen.

22 Ndabasavye rero bavukanyi, mwumvirize mwihanganye aya majambo y’indemesho, kuko ndabandikiye ikete rigufi. 23 Nagira ndabamenyeshe yuko umuvukanyi wacu Timoteyo yarekuwe. Niyaramuka aje vuba nzozanana na we kubaraba.

24 Mundamukirize ababaja imbere bose n’aberanda bose. Abo mu Butaliyano+ barabaramutsa.

25 Ubuntu buhebuje bubane namwe mwese.

Mu kigiriki havuga ngo «kw’iherezo ry’iyi misi.»

Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).

Canke «nibikubite imbere yiwe.»

Canke «abakozi bawe bakorera abantu.»

Canke «k’ukugororoka.»

Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).

Canke «bikorera abantu.»

Canke «ntitwigere tugenda akayombekere.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Raba Inyongera ya A5.

Mu kigiriki havuga ngo «ari abasangiye amaraso n’umubiri.»

Mu kigiriki havuga ngo «yaronse kuri ivyo bintu nyene.»

Mu kigiriki havuga ngo «wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).

Canke «abohore.»

Mu kigiriki havuga ngo «urubuto.»

Canke «ikimazi c’impongano ku bw’ibicumuro vy’abantu», «ikimazi gipfuka ibicumuro vy’abantu.» Raba Insiguro y’amajambo (Impongano).

Canke «ubutumire bw’ijuru.»

Canke «twemera tukavyatura.»

Ni ukuvuga Yezu.

Canke «cashingira intahe ibintu», «cari icabona c’ibintu.»

Canke «abasangira na Kristu.»

Mu kigiriki havuga ngo «dutinye.»

Canke «ako karorero.»

Canke «y’ubugi bubiri.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «gutahura.»

Canke «kubabarana natwe mu bugoyagoye bwacu.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «kwengenga», «kudakarira.»

Canke «abazimira.»

Canke «afise ubugoyagoye.»

Canke «ubuninahazwa.»

Mu kigiriki havuga ngo «mu misi y’umubiri wiwe.»

Mu kigiriki havuga ngo «turavye igihe (kihaciye).»

Canke «vy’intango.»

Mu kigiriki havuga ngo «bipfuye.»

Canke «bagasangira.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «inama.»

Canke «yaserukanye indahiro.» Mu kigiriki havuga ngo «yabaye umuhuza mu kurahira.»

Ni ukuvuga umuhango wa Yehova n’indahiro yiwe.

Canke «inanga y’ubwato.» Ni ikintu baterera mu mazi kugira ubwato bugume hamwe. Kiba gifashe ku munyororo.

Mu kigiriki havuga ngo «amugabaniriza.»

Mu kigiriki havuga ngo «wa mutwe.»

Mu kigiriki havuga ngo «bava mu kiyunguyungu ca Aburahamu.»

Mu kigiriki havuga ngo «mu kiyunguyungu.»

Raba Inyongera ya A5.

Canke «ntazokwicuza.»

Canke «uwatanzweko ingwati y’isezerano.»

Canke «umukozi akorera abantu.»

Raba Inyongera ya A5.

Canke «igikorwa gikorerwa abantu.»

Raba Inyongera ya A5.

Raba Inyongera ya A5.

Raba Inyongera ya A5.

Canke «ku muzirikanyi.»

Raba Inyongera ya A5.

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «bakingiriza amababa yabo.»

Canke «ahantu ho gutangira ikigongwe.» Raba Insiguro y’amajambo (Umufuniko w’impongano).

Mu kigiriki havuga ngo «be n’amabatisimu atandukanye.»

Mu kigiriki havuga ngo «ugucungurwa.»

Canke «inyana y’inka.»

Canke «ikirabagu.»

Mu kigiriki havuga ngo «bipfuye.»

Ni urupfu rw’umuntu canke igitungwa.

Mu kigiriki havuga ngo «ryatangujwe.»

Canke «umuzingo.»

Canke «igikorwa gikorerwa abantu.»

Canke «imbere y’amaso.»

Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).

Mu kigiriki havuga ngo «azoboneka ata gicumuro.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «abantu ntibashobora.»

Mu kigiriki havuga ngo «mu muzingo w’igitabu.»

Canke «igikorwa gikorerwa abantu.»

Raba Inyongera ya A5.

Canke «ku muzirikanyi.»

Canke «dufise umutima mu nda.»

Mu kigiriki havuga ngo «yayidutangurije.»

Canke «tubabarane», «twitwararikane.»

Canke «tuvyuriranire umutima wo gukundana», «turemeshanye gukundana.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Raba Inyongera ya A5.

Mu kigiriki havuga ngo «ku mugaragaro nk’abari mu kibanza c’ibirori.»

Canke «mwahagarara iruhande y’abariko.»

Mu kigiriki havuga ngo «umwidegemvyo wanyu wo kuvuga.»

Canke «ntazohimbara umutima wanje.»

Canke «icemezo cerekana neza.»

Canke «ba sogokuruza bacu.»

Canke «ibihe.» Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).

Canke «vyashizwe ku rutonde.»

Canke «yashinze intahe mu kwemera.»

Mu kigiriki havuga ngo «yarimuwe.»

Canke «yararazwe ubugororotsi.»

Canke «catunganijwe.»

Canke «inda y’urubuto.»

Ni ukuvuga atari agishoboye kuvyara.

Canke «kwitwa Imana.»

Mu kigiriki havuga ngo «urubuto.»

Canke «ibijanye n’amaziko yiwe.»

Mu kigiriki havuga ngo «nka Kristu.»

Mu kigiriki havuga ngo «ntakore ku mfura zabo.»

Canke «ba batasi.»

Mu kigiriki havuga ngo «igicu.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «ngo mudendebukirwe mu mitima yanyu.»

Raba Inyongera ya A5.

Raba Inyongera ya A5.

Mu kigiriki havuga ngo «agashishagura.»

Canke «bibigishe.»

Mu kigiriki havuga ngo «ba data b’umubiri wacu.»

Canke «intuntu.»

Canke «baronka icamwa c’amahoro, ari co bugororotsi.»

Mu kigiriki havuga ngo «no kwezwa.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Raba Insiguro y’amajambo (Ubusambanyi).

Mu kigiriki havuga ngo «nta kibanza yabironkeye.»

Canke «ibihumbi mirongo.»

Canke «ntimurondere ivyitwazo vyo kutumviriza», «ntimwirengagize.»

Canke «kugirira neza abantu mutazi.»

Mu kigiriki havuga ngo «ababoshwe», «abari mu mvuto.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «nk’aho mwoba muriko murababarana na bo.»

Raba Insiguro y’amajambo (Ubusambanyi).

Raba Inyongera ya A5.

Raba Insiguro y’amajambo.

Ni ukuvuga amategeko ajanye n’ibifungurwa.

Canke «barinze ubuzima bwanyu.»

Canke «rigororotse.»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika