ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • nwt Tito 1:1-3:15
  • Tito

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Tito
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Tito

IKETE RYANDIKIWE TITO

1 Jewe Pawulo ndi umushumba w’Imana nkaba n’intumwa ya Yezu Kristu hisunzwe ukwizera kw’abatowe n’Imana be n’ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri guhuye n’ukwihebera Imana. 2 Ivyo bishingiye ku cizigiro c’ubuzima budahera+, ubwo Imana idashobora kubesha+ yasezeranye imbere y’ibihe vya kera cane. 3 Yamara ku gihe cayo bwite, yaramenyekanishije ijambo ryayo biciye kuri ca gikorwa co kwamamaza inkuru nziza najejwe+, hisunzwe itegeko ry’Imana, Umukiza wacu. 4 Ndakwandikiye wewe Tito, umwana wanje nyakuri hisunzwe ukwizera dusangiye.

Ubuntu buhebuje* n’amahoro biva ku Mana ari yo Data no kuri Kristu Yezu Umukiza wacu bibane nawe.

5 Nagusize i Kirete kugira ukosore ibintu bitagenda neza* wongere ugene abakurambere mu bisagara bitandukanye, nk’uko nabigutegetse. 6 Nagutegetse yuko umukurambere akwiye kuba* ata co aregwa, ari umugabo afise umugore umwe, afise abana bizera batagirizwa ubuhumbu* canke ubugarariji+. 7 Kubera ko umuhagarikizi* w’ishengero ari umusuku* w’Imana, ategerezwa kuba atagira ico aregwa, atumira ku vyiyumviro vyiwe+, adakaza ishavu+, ataborerwa, atarwana, atanohokera inyungu mbi. 8 Ahubwo abe umuntu w’umwakiranyi+, akunda iciza, yiyumvira neza*+, yigenza mu buryo bugororotse, adahemuka+, yigumya+, 9 yumira kw’ijambo* ryo kwizigirwa igihe akoresha ubuhanga bwiwe bwo kwigisha+, kugira ashobore kuremesha* abandi biciye ku nyigisho ngirakamaro*+ no gukosora*+ abayivuguruza.

10 Kuko hariho abantu benshi b’abagarariji, bavuga ibitagira akamaro, kandi b’ababeshi, canecane bamwe bumira ku kugenyerwa*+. 11 Birakenewe ko uzivya abo bantu kuko baguma batembagaza ingo uko zakabaye, mu kwigisha ivyo batabwirizwa kwigisha, barondera inyungu mbi. 12 Umwe muri bo, akaba ari umuhanuzi w’iwabo, yavuze ati: «Abanyakirete bama ari ababeshi, ibikoko biryana, n’ibinebwe bikunda inda.»

13 Ukwo ni ukuri. Ni co gituma ukwiye kuguma ubakosora ushimitse kugira bagire amagara meza mu kwizera, 14 ntibumvirize ibitito vy’Abayuda n’amabwirizwa y’abantu bata ukuri. 15 Ku bantu badahumanye, nta kintu na kimwe gihumanye+. Mugabo ku bantu bahumanye kandi batagira ukwizera vyose birahumanye, kuko ubwenge bwabo n’ijwi ryabo ryo mu mutima bihumanye+. 16 Bavugira ku mugaragaro yuko bazi Imana mugabo bakayihakana biciye ku vyo bakora+, kubera ko ari abantu bashisha kandi bagambarara, batabereye gukora igikorwa ciza na kimwe.

2 Ariko weho, ugume uvuga ibintu bihuye n’inyigisho ngirakamaro*+. 2 Abatama nibabe abantu batarenza urugero mu ngeso zabo, badafyina, biyumvira neza*, bakomeye* mu kwizera, mu rukundo no mu kwihangana. 3 N’abatamakazi nyene bagire inyifato y’abantu batinya Imana, ntibabe abambika ibara abandi canke abaja b’umuvinyu mwinshi, ahubwo babe abigisha ivyiza, 4 kugira bahanure* abagore bakiri bato gukunda abagabo babo, gukunda abana babo, 5 kuba abantu biyumvira neza*, batanduye, bitwararika ibikorwa vyo mu rugo*, bameze neza, bayobokera abagabo babo+, kugira ijambo ry’Imana ntiritukwe.

6 Guma uremesha n’abasore ngo babe abantu biyumvira neza*+, 7 kandi ugume ubera abandi akarorero mu bijanye n’ibikorwa vyiza muri vyose. Niwigishe ibitanduye* udafyina na gato+, 8 ukoresha imvugo imeze neza* idashobora gutorwa amahinyu+, kugira abaturwanya bamaramare, babure ikibi* na kimwe batuvugako+. 9 Abashumba nibayobokere ba shebuja muri vyose+, barondere kubashimisha, batavuga ngo na bo bavuge. 10 Ntibibe ba shebuja+ ahubwo berekane ko ari abizigirwa rwose, kugira ngo muri vyose basharize inyigisho y’Imana, yo Mukiza wacu+.

11 Kuko bwa buntu buhebuje* bw’Imana bwibonekeje, buzanira ubukiriro abantu b’uburyo bwose+. 12 Butwigisha kwamirira kure ukutubaha Imana n’ivyipfuzo vy’isi+, bukatwigisha no kubaho twiyumvira neza*, twigenza mu buryo bugororotse kandi twihebera Imana muri iyi si*+, 13 mu gihe tukirindiriye ca cizigiro giteye umunezero+, turindiriye n’uko ya Mana ikomeye be n’Umukiza wacu Yezu Kristu berekana ubuninahazwa bwabo. 14 Yaritanze ku bwacu+ kugira atubohore*+ tuve mu bugarariji bw’uburyo bwose, yongere yihumanurire umugwi w’abantu yagize ikintu kidasanzwe kimwegukira, bafise umwete wo gukora ibikorwa vyiza+.

15 Guma uvuga ivyo bintu, uhimiriza* wongera ukosora wishimikije ububasha bwose ufise+. Ntihagire umuntu n’umwe agusuzugura.

3 Ubandanye kubibutsa kuyobokera no kugamburukira intwaro n’abakuru+, kuba abiteguriye igikorwa ciza cose, 2 kutagira uwo bavuga nabi, kutaba abanyamahane, ahubwo babe abantu batadadaza*+, bama berekana ubwitonzi ku bantu bose+. 3 Kuko na twebwe kera twari abantu b’imburabwenge, bagambarara, bazimiye, turi abaja b’ivyipfuzo n’ibinezereza bitandukanye, turi abantu babi, b’abanyeshari, bashisha kandi bankana.

4 Ariko igihe ubuntu bw’Imana+, yo Mukiza wacu, n’urukundo ifitiye abantu vyerekanwa 5 (bivuye ku mbabazi zayo+, atari kubera ibikorwa bigororotse twari twarakoze+), yaradukijije mu kutwuhagiza amazi yatumye tugira ubuzima+. Yadukijije kandi mu kutugira bashasha biciye ku mpwemu nyeranda+. 6 Iyo mpwemu yayidusutseko ku bwinshi biciye kuri Yezu Kristu Umukiza wacu+, 7 kugira ngo tumaze kwitwa abagororotsi bivuye ku buntu bwiwe buhebuje*+, tube ba samuragwa+ dufise icizigiro c’ubuzima budahera+.

8 Aya majambo ni ayo kwizigirwa, kandi ndipfuza ko wama ushimika kuri ivyo bintu kugira ngo abemeye Imana bashire umutima ku kwama bakora ibikorwa vyiza. Ivyo birabereye kandi biragirira akamaro abantu.

9 Mugabo wirinde rwose impari z’ubupfu, ivyo kurondera amamuko, amahane n’intambara zijanye n’amategeko*, kuko ata co vyungura umuntu kandi nta kamaro bifise+. 10 Nayo ku vyerekeye umuntu ashaka kuzana ivy’akagwi k’idini+, umwamirire kure+ niwamara kumukebura* ubwa mbere n’ubwa kabiri+, 11 uzi yuko mwene uyo muntu yataye inzira kandi ko ariko aracumura, akaba yicira urubanza.

12 Ninakurungikira Arutema canke Tikiko+, uze ukore uko ushoboye kwose unsange i Nikopoli kuko ari ho nahisemwo kumara urushana. 13 Witwararike Zena wa muhanga mu vy’amategeko na Apolo, ubaronse ivyo bakeneye kugira ngo ntihagire ivyo bakena mu rugendo rwabo+. 14 Mugabo abantu bacu na bo nyene nibige kuguma bakora ibikorwa vyiza, kugira ngo bagire ico bafashije iyo hari ibikenewe vyihuta+, ntibabe abantu batama ivyiza+.

15 Abari kumwe nanje bose barakuramutsa. Undamukirize abadukunda bari mu kwizera.

Ubuntu buhebuje bubane namwe mwese.

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «biri n’agahaze.»

Mu kigiriki havuga ngo «nimba hari umuntu.»

Canke «inyifato y’ubunyeshamba.»

Canke «umucungezi.»

Canke «umusuku ajejwe urugo.»

Canke «afise ubwenge buroranye.»

Canke «ku butumwa.»

Canke «guhimiriza.»

Canke «ntungamagara.»

Canke «gukangira.»

Hari abavyita «gusiramura» canke «gukebwa.» Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).

Canke «ntungamagara.»

Canke «bafise ubwenge buroranye.»

Mu kigiriki havuga ngo «bafise amagara meza.»

Canke «bakebure», «bigishe.»

Canke «bafise ubwenge buroranye.»

Canke «bitaho ingo zabo.»

Canke «bafise ubwenge buroranye.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «niwigishe mu buryo butanduye.»

Canke «ngirakamaro», «ntungamagara.»

Canke «ikintu c’agahomerabunwa.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «dufise ubwenge buroranye.»

Canke «iki gihe.» Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).

Mu kigiriki havuga ngo «aducungure.»

Canke «uremesha.»

Canke «bakora ibitegereka», «batumira ku vyiyumviro vyabo», «batarenza urugero.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Ni ukuvuga amategeko ya Musa.

Canke «kumuburira.»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika