ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • nwt 2 Timoteyo 1:1-4:22
  • 2 Timoteyo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 2 Timoteyo
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
2 Timoteyo

IKETE RYA KABIRI RYANDIKIWE TIMOTEYO

1 Jewe Pawulo, intumwa ya Kristu Yezu biciye kw’igomba ry’Imana, hisunzwe umuhango w’ubuzima buboneka biciye kuri Kristu Yezu+, 2 ndakwandikiye wewe Timoteyo, umwana wanje nkunda cane+.

Ubuntu buhebuje*, imbabazi n’amahoro biva ku Mana ari yo Data no kuri Kristu Yezu Umukama wacu bibane nawe.

3 Ndashimira Imana nkorera igikorwa ceranda nk’uko ba sogokuruza banje bayikoreye, mfise ijwi ryo mu mutima ridahumanye. Nguma ndakwibuka igihe ntakamba ijoro n’umurango. 4 Nibutse amosozi yawe, nca nkumbura kukubona kugira ngo nuzure umunezero. 5 Kuko nibuka ukwizera kwawe kutagira ubwiyorobetsi+. Nyogokuru wawe Loyisi na nyoko wawe Enise ni bo babanje kugira ukwo kwizera, mugabo ndazi ntakeka ko nawe ugufise.

6 Ni co gituma ndakwibukije ngo utume ingabirano y’Imana iri muri wewe iguma yaka nk’umuriro, imwe waronka igihe nakurambikako ibiganza+. 7 Imana ntiyaduhaye impwemu y’ubwoba+, ahubwo yaduhaye impwemu ituma tugira ububasha+, urukundo n’ubwenge buroranye. 8 Ntuterwe isoni rero n’intahe yerekeye Umukama wacu+, canke ngo uterwe isoni nanje mpfunzwe ku bwiwe, ahubwo niwemere kwihanganira imibabaro+ ku bw’inkuru nziza wishimikije ububasha bw’Imana+. 9 Yaradukijije yongera iduhamagaza umuhamagaro mweranda+. Ntiyabigize kubera ibikorwa vyacu, ahubwo yabigize kubera umugambi wayo n’ubuntu bwayo buhebuje+. Twagiriwe ubwo buntu biciye kuri Kristu Yezu imbere y’ibihe vya kera cane, 10 ariko ubu bwaribonekeje neza biciye ku kwerekanwa kw’Umukiza wacu Kristu Yezu+, yakuyeho urupfu+ akongera akaduhishurira biciye ku nkuru nziza+ ingene tworonka ubuzima+ n’umubiri utabora+. 11 Kubera iyo nkuru nziza, naragenywe ngo mbe umuvugabutumwa nongere mbe intumwa n’umwigisha+.

12 Ni co gituma kandi nshikirwa n’iyi mibabaro+, ariko ntibintera isoni+. Ndazi uwo nizeye, kandi ndazi ntakeka yuko ashoboye kurinda ico namubikije gushika kuri wa musi+. 13 Amajambo ngirakamaro*+ wanyumvanye ugume uyafata nk’icitegererezo urabirako*, ufise ukwizera n’urukundo biva ku kwunga ubumwe na Kristu Yezu. 14 Rinda iyo mbitso nziza biciye ku mpwemu nyeranda iba muri twebwe+.

15 Nk’uko ubizi, abantu bose bo mu ntara ya Aziya+ barampevye, harimwo na Figelo na Herumojene. 16 Umukama agirire imbabazi abo mu rugo rwa Onesiforo+ kuko yanduhuye kenshi, kandi ntiyatewe isoni no kuba ndi mu munyororo. 17 Ahubwo igihe yari i Roma yarandondeye hasi hejuru, arantora. 18 Umukama azotume agirirwa imbabazi imbere ya Yehova* kuri wa musi. Kandi urazi neza ibikorwa vyose yakoze i Efeso.

2 Wewe rero mwananje+, guma wironsa ububasha biciye ku buntu buhebuje* buri muri Kristu Yezu. 2 Ibintu wanyumvanye vyashigikiwe n’ivyabona vyinshi+, ivyo bintu ubizeze abantu b’abizigirwa. Na bo bazoheza bakwize neza ibisabwa kugira bigishe abandi. 3 Niwemere gushikirwa n’imibabaro+ nk’umusoda mwiza+ wa Kristu Yezu. 4 Nta musoda aja* mu bintu vy’urudandaza* vyo mu buzima, kuko aba ashaka gushimwa n’uwamwinjije mu gisoda. 5 No mu nkino, uwuhiganwa wese yambikwa urugori ari uko yahiganywe akurikije amategeko+. 6 Umurimyi akora cane ni we akwiye kuba uwa mbere mu kuronka ku vyeze. 7 Ugume uzirikana ivyo mvuga. Umukama azoguha ubushobozi bwo gutegera* vyose.

8 Wibuke ko Yezu Kristu yazuwe mu bapfuye+ kandi ko yari uwo mu ruvyaro* rwa Dawidi+, nk’uko inkuru nziza namamaza ivyerekana+. 9 Kubera iyo nkuru nziza, ndiko nshikirwa n’imibabaro kandi ndapfunzwe nk’inkozi y’ikibi+. Ariko ijambo ry’Imana ntiriboshwe+. 10 Ni co gituma mbandanya kwihanganira ibintu vyose ku bw’abatowe+, kugira ngo na bo baronke ubukiriro buboneka biciye kuri Kristu Yezu, baronke n’ubuninahazwa bw’ibihe bidahera. 11 Iri jambo ni iryo kwizigirwa: mu vy’ukuri nimba twarapfanye na we, tuzobaho kandi turi kumwe na we+. 12 Nitwabandanya kwihangana, tuzoganza turi kumwe na we+. Nitwamwihakana, na we azotwihakana+. 13 Tutabaye abizigirwa, we aguma ari umwizigirwa kuko adashobora kwihakana ico ari.

14 Guma ubibutsa ibi bintu, ubategeke* imbere y’Imana kutarwana bapfa amajambo kuko ari ikintu ata co kimaze, kubera kigirira nabi* abumviriza. 15 Ukore uko ushoboye kwose ngo wishikirize Imana nk’uwemewe, nk’umukozi atagira imvo n’imwe yo guteterwa, akoresha neza ijambo ry’ukuri+. 16 Mugabo wamirire kure amajambo ata co amaze atukisha ibintu vyeranda+, kuko atuma* abantu barushiriza kutubaha Imana, 17 kandi ayo majambo azokwiragira nk’igisebe kiboze. Mu bayakwiragiza harimwo Himenayo na Fileto+. 18 Abo bantu barataye ukuri, bakaba bavuga ko izuka rimaze kuba+, kandi bariko baratembagaza ukwizera kwa bamwe. 19 Naho biri ukwo, umushinge ukomeye w’Imana uguma uhagaze, uriko ikidodo kivuga ngo «Yehova* arazi abiwe+», kandi ngo «Umuntu wese yitirirwa izina rya Yehova*+ navavanure n’ibitagororotse.»

20 Mu nzu nini rero ntihabamwo gusa ibikoresho* vy’inzahabu n’ivy’ifeza, mugabo harabamwo n’ivy’ibiti be n’ivy’ibumba. Bimwe bikoreshwa ibikorwa biteye iteka mugabo ibindi bigakoreshwa ibidateye iteka. 21 Umuntu rero niyitandukanya n’ivyo bikoresho vya kabiri, azoba igikoresho* gikoreshwa ibikorwa biteye iteka, cejejwe, gifitiye akamaro nyeneco, giteguriwe igikorwa ciza cose. 22 Hunga rero ivyipfuzo vy’abakiri bato, mugabo ukurikirane ubugororotsi, ukwizera, urukundo, amahoro, uri kumwe n’abambaza Umukama n’umutima udahumanye.

23 Vyongeye, wamirire kure ibihari vy’ubupfu birimwo n’ukutamenya+ kuko uzi yuko bivyura intambara. 24 Mugabo umushumba w’Umukama ntakwiye kurwana, ahubwo akwiye kuba umuntu yengenga* kuri bose+, ashoboye kwigisha, yigumya iyo agiriwe nabi+, 25 akigisha mu bwitonzi abantu batoroshe+. Hari aho Imana yotuma bigaya* bakamenya neza ukuri+, 26 bakagarura ubwenge bakava mu mutego wa Shetani*, kubera ko yabafashe ari bazima ngo bakore ivyo agomba+.

3 Mugabo umenye yuko mu misi ya nyuma+ hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira. 2 Kuko abantu bazoba bikunda, bakunda amahera, bishima, bibona, bavuga nabi Imana n’abantu*, bagambararira abavyeyi, ari intashima, ibihemu, 3 badakunda ababo, badashaka kwumvikana na gato, bambika ibara abandi, batigumya, ari inkazi, badakunda iciza, 4 bagirira nabi abagenzi babo*, ari intumva, bivyimvya, bakunda ivyo kwinezereza aho gukunda Imana, 5 basa n’abantu bubaha Imana mugabo ntibabeho nk’abayubaha*+. Abo rero ubace kure. 6 Muri abo ni ho hava ba bantu bacengetera ku rwenge mu ngo, bakigarurira abagore bagoyagoya baremerewe n’ibicumuro kandi batwarwa n’ivyipfuzo bitandukanye. 7 Abo bagore bama biga yamara ntibigera bamenya neza ukuri.

8 Abo bantu barwanya ukuri nka kumwe Yane na Yambure barwanya Musa. Ni abantu bononekaye rwose mu bwenge, abantu batemerwa n’Imana mu bijanye n’ukwizera. 9 Yamara rero, ntibazorenga aho kuko ubusazi* bwabo buzokwibonekeza cane kuri bose, nk’uko vyagenze kuri abo bagabo babiri+. 10 Mugabo wewe warakurikiraniye hafi inyigisho yanje, ingene mbayeho+, intumbero yanje mu buzima, ukwizera kwanje, ukwiyumanganya kwanje, urukundo rwanje, ukwihangana kwanje, 11 uruhamo n’imibabaro vyanshikiye i Antiyokiya+, muri Ikoniyo+ n’i Lusitira+. Narihanganiye urwo ruhamo kandi Umukama yararunkijije rwose uko rungana+. 12 Mu vy’ukuri, abo bose bipfuza kubaho bihebera Imana kandi bunze ubumwe na Kristu Yezu na bo nyene bazohamwa+. 13 Mugabo abantu b’ababisha be n’abiyorobetsi* bazogenda barushiriza kuba babi, bazimiza bongera bazimizwa+.

14 Ariko weho, ugume mu vyo wize, wumvishijwe maze ukavyemera+, kuko uzi neza ababikwigishije. 15 Urazi kandi ko guhera mu buhinja+ wamenye ivyanditswe vyeranda+, bimwe bishobora gutuma uba inkerebutsi biciye ku kwizera Kristu Yezu maze ukaronka ubukiriro+. 16 Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana+ kandi ni ngirakamaro mu kwigisha+, mu gukosora* umuntu, mu kugorora* ibintu no mu gutoza indero hisunzwe ibigororotse+, 17 kugira umuntu w’Imana abe uwubishoboye neza, afise ibikenewe vyose kugira akore igikorwa ciza cose.

4 Imbere y’Imana na Kristu Yezu, umwe azocira imanza+ abazima n’abapfuye+, kandi biciye ku kwerekanwa+ kwa Kristu n’Ubwami bwiwe+, ndagutegetse nshimitse ngo 2 wamamaze rya jambo+, uvyihatire mu bihe vyiza no mu bihe bigoye, ukosore*+, wihanize, uhimirize. Ubigirane ukwihangana kwose n’ubuhanga bwo kwigisha+. 3 Kuko hazoshika igihe aho abantu batazokwihanganira ya nyigisho ngirakamaro*+. Ahubwo bazokwisunga ivyipfuzo vyabo bironderere abigisha babagaza amatwi*+. 4 Bazokwica amatwi ngo ntibumve ukuri, bumvirize inkuru z’ibinyoma. 5 Ariko weho, uzigame ubwenge bwawe muri vyose, wihanganire imibabaro+, wamamaze inkuru nziza*, ushitse neza igikorwa ceranda* wajejwe+.

6 Jeho ubu ndiko ndasukwa nk’ishikanwa ry’ikinyobwa+, kandi igihe c’ukubohorwa kwanje+ kiregereje. 7 Nararwanye ya ntambara nziza+, ndiruka mw’isiganwa kugeza kw’iherezo+, ndagumya ukwizera. 8 Kuva ubu, mbikiwe urugori rw’ubugororotsi+. Umukama, wa mucamanza agororotse+, azorumpa kuri wa musi nk’impembo+. Yamara si jewe jenyene, ahubwo ruzohabwa n’abo bose bakunze ukwerekanwa kwiwe.

9 Kora uko ushoboye kwose uze kundaba vuba. 10 Kuko Dema+ yantaye kubera yuko yakunze ivy’iki gihe* akaja i Tesalonika, Keresansi aja i Galatiya, Tito na we aja i Dalumatiya. 11 Luka wenyene ni we ari kumwe nanje. Uzozanane na Mariko kuko amfasha mu gikorwa c’Imana. 12 Mugabo Tikiko+ namutumye i Efeso. 13 Niwaza uzonzanire wa mutamana nasigira Karupo i Tirowa, na ya mizingo y’ibitabu, canecane iyikozwe mu nsato.

14 Alegizandere wa mucuzi w’umujumpu yarangiriye nabi cane. Yehova* azomwishura ibihwanye n’ivyo yakoze+. 15 Nawe uramubako maso kuko yarwanije ubutumwa bwacu bimwe bikabije.

16 Igihe niburanira ubwa mbere nta n’umwe yaje kunshigikira, ahubwo bose barantaye. Ntibaze babihorwe. 17 Mugabo Umukama yahagaze hafi yanje anyuzuza ububasha kugira ngo biciye kuri jewe, igikorwa co kwamamaza inkuru nziza kirangurwe bimwe bishitse kandi amahanga yose yumve iyo nkuru nziza+. Vyongeye nararokowe mu kanwa k’intambwe+. 18 Umukama azonkiza igikorwa cose c’ububisha yongere andokore ku bw’Ubwami bwiwe bwo mw’ijuru+. Naninahazwe gushika ibihe bidahera. Amen.

19 Undamukirize Prisika* na Akwila+ be n’abo mu rugo rwa Onesiforo+.

20 Erasito+ yagumye i Korinto, mugabo Tirofimo+ namusize i Mileto arwaye. 21 Ukore uko ushoboye kwose uzoshike imbere y’urushana.

Ewubulo arakuramutsa, na Pudensi na Lino na Kolodiya n’abavukanyi bose.

22 Umukama abane nawe kubera umutima werekana. Ubuntu bwiwe buhebuje* bubane namwe.

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «ntungamagara.»

Canke «nk’umugero.»

Raba Inyongera ya A5.

Raba Insiguro y’amajambo.

Mu kigiriki havuga ngo «yibohera.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «mu bikorwa vya misi yose.»

Canke «gutahura.»

Mu kigiriki havuga ngo «mu rubuto.»

Mu kigiriki havuga ngo «ubashingire intahe bimwe bishitse.»

Canke «gitikiza», «gitembagaza.»

Canke «batuma.»

Raba Inyongera ya A5.

Raba Inyongera ya A5.

Canke «ivyombo.»

Canke «icombo.»

Canke «yigengesera.»

Canke «bahindura ivyiyumviro.»

Mu kigiriki havuga ngo «wa wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).

Canke «barogota.»

Canke «abaguranyi.»

Mu kigiriki havuga ngo «bakihakana ububasha (bw’ukwo kwubaha Imana).»

Canke «ubupfu.»

Canke «abangushi», «ababeshi.»

Canke «gukangira.»

Canke «gutunganya.»

Canke «ukangire.»

Canke «ntungamagara.»

Canke «bababwira ivyo bipfuza kwumva.»

Canke «ugume wamamaza injili.»

Canke «ubusuku.»

Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).

Raba Inyongera ya A5.

Yitwa kandi Prisila.

Raba Insiguro y’amajambo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika