IKETE RYA MBERE RYANDIKIWE TIMOTEYO
1 Jewe Pawulo, intumwa ya Kristu Yezu bivuye kw’itegeko ry’Imana Umukiza wacu n’irya Kristu Yezu, we cizigiro cacu+, 2 ndakwandikiye wewe Timoteyo*+, umwana wanje nyakuri+ mu kwizera.
Ubuntu buhebuje*, imbabazi n’amahoro biva ku Mana ari yo Data no kuri Kristu Yezu Umukama wacu bibane nawe.
3 Nk’uko nabikuremesheje igihe nagira nje i Masedwane, nsubiye kukuremesha kuguma i Efeso kugira utegeke bamwebamwe kutigisha izindi nyigisho 4 no kutumviriza inkuru z’ibinyoma+ n’ivyo kurondera amamuko. Ivyo bintu nta kintu c’akamaro bivamwo+, ahubwo bituma abantu bavuga ibintu badafitiye ivyemeza aho kuvuga ibintu bivuye ku Mana bijanye n’ukwizera. 5 Mu vy’ukuri igituma ndagusavye gukora ivyo bintu*, ni ukugira ngo tugire urukundo+ ruva ku mutima udahumanye, kw’ijwi ryiza ryo mu mutima no ku kwizera+ kutagira ubwiyorobetsi. 6 Hari abahevye ivyo bintu, barata inzira baja mu biyago bitagira akamaro+. 7 Bashaka kuba abigisha+ b’amategeko y’Imana* kandi badatahura ivyo bavuga canke ivyo bemeza bashimitse.
8 Turazi rero yuko amategeko ari meza iyo umuntu ayakoresheje neza*, 9 atahura yuko atashiriweho abakora ibigororotse, ahubwo ko yashiriweho abantu batubaha amategeko+ kandi b’abagarariji, abatubaha Imana kandi b’abacumuzi, abantu b’ibihemu* kandi batubaha ibintu vyeranda, abica ba se na ba nyina, abica abandi bantu, 10 abasambanyi*, abagabo basambana* n’abandi bagabo, abanyuruza abantu, ababeshi, abarahira ibinyoma, n’abakora ibindi bintu vyose biteye kubiri na ya nyigisho ngirakamaro*+. 11 Iyo nyigisho irahuye n’inkuru nziza y’agatangaza najejwe+ iva kuri ya Mana ihimbawe.
12 Ndashimira Kristu Yezu Umukama wacu, we yampaye ububasha, kuko yamfashe nk’umwizigirwa akanshinga igikorwa ceranda*+, 13 naho kera navuga nabi Imana*, ngahama abantu bayo, nkaba n’umuntu atisonera+. Yamara rero, naragiriwe imbabazi kuko nabikoze kubera ukutamenya no kubera ntagira ukwizera. 14 Mugabo ubuntu buhebuje Umukama yangiriye ntibugira uko bungana. Nararonse n’ukwizera be n’urukundo rwa Kristu Yezu. 15 Iri jambo ni iryo kwizigirwa kandi rikwiye kwemerwa rwose: Kristu Yezu yaje mw’isi gukiza abacumuzi+. Muri abo jewe ndi agahebuza+. 16 Yamara rero, naragiriwe imbabazi kugira ngo biciye kuri jewe gahebuza, Kristu Yezu yerekane ukwihangana kwiwe kwose, ngo mbere akarorero abazomwizera kugira baronke ubuzima budahera+.
17 Wa Mwami w’ibihe bidahera+ rero, umwe adapfa*+, ataboneka+, we Mana yonyene+, nahabwe iteka n’ubuninahazwa gushika ibihe bidahera. Amen.
18 Mwananje Timoteyo, ndagusavye gukora ivyo bintu* nisunze ubuhanuzi bwavuzwe ku bikwerekeye, kugira bugufashe kubandanya urwana intambara nziza+, 19 ufise ukwizera n’ijwi ryiza ryo mu mutima+, iryo bamwe bashibuye bigatuma ukwizera kwabo gusaba nk’ubwato. 20 Himenayo+ na Alegizandere bari muri abo, kandi narabahereje Shetani+ kugira batozwe indero, bigishwe kudatuka Imana*.
2 Imbere ya vyose rero, ndahimiriza bose ngo batakambire Imana ku bw’abantu b’uburyo bwose, babasengere, babasabire, bongere bakenguruke ku bwabo. 2 Babigire no ku bw’abami n’abo bose bafise ubukuru*+ kugira tubandanye kugira ubuzima butekanye kandi burangwa amahoro, twihebera Imana bimwe bishitse kandi tudafyina+. 3 Ivyo ni vyiza kandi biremerwa imbere y’Imana yo Mukiza wacu+, 4 yo igomba ko abantu b’uburyo bwose bakizwa+ bakamenya neza ukuri. 5 Kuko hari Imana imwe+, n’umuhuza umwe+ hagati y’Imana n’abantu+, akaba ari umuntu, ni ukuvuga Kristu Yezu+, 6 yitanze ngo abe incungu y’indinganire* ku bwa bose*+. Ivyo ni vyo bikwiye gushingirwa intahe ku gihe cavyo. 7 Nagenywe kuba umuvugabutumwa no kuba intumwa+ kugira nshinge iyo ntahe+, nigishe amahanga+ ibijanye n’ukwizera be n’ukuri. Aho ndiko mvuga ukuri, sindiko ndabesha.
8 Ndashaka rero yuko ahantu hose abagabo bashishikara gusenga, badugije amaboko adahumanye*+, ata shavu+ n’impari+. 9 Abagore na bo bakwiye kwishariza mu kwambara mu buryo bubereye*, bw’urupfasoni kandi bwerekana ko biyumvira neza*, atari mu gusuka* imishatsi mu mideri y’agatangaza, canke mu kwambara inzahabu canke imaragarita* canke impuzu zizimvye cane+. 10 Ahubwo bisharize mu buryo buberanye n’abagore bavuga ko bihebeye Imana+, ni ukuvuga mu bikorwa vyiza.
11 Umugore niyige acereje*, ayoboka bimwe bikwiye+. 12 Sinemerera umugore kwigisha canke kugira ubukuru ku mugabo, ahubwo akwiye kuguma acereje*+. 13 Kuko Adamu ari we yabanje kuremwa, hanyuma Eva+. 14 Vyongeye, Adamu ntiyahenzwe ahubwo umugore ni we yahenzwe rwose+, ararenga itegeko. 15 Yamara abagore bazozigamwa biciye ku kwibaruka+, bapfe gusa kuguma mu kwizera no mu rukundo no mu bweranda, biyumvira neza*+.
3 Iri jambo ni iryo kwizigirwa: umuntu arondeye kuba* umuhagarikizi* w’ishengero+, aba yipfuje igikorwa ciza. 2 Umuhagarikizi w’ishengero akwiye rero kuba ata co anegurwa, ari umugabo afise umugore umwe, atarenza urugero mu ngeso ziwe, yiyumvira neza*+, umunyarutonde, umwakiranyi+, ashoboye kwigisha+, 3 ataborerwa+, atarwana. Ahubwo akwiye kuba umuntu atadadaza*+, adakunda amahane+, atari inkunzi y’amahera+, 4 ahagarikira* neza urugo rwiwe, afise abana bayoboka ata gufyina namba+. 5 (Nakare nimba umuntu atazi guhagarikira* urugo rwiwe, yokwitwararika gute ishengero ry’Imana?) 6 Ntakwiye kuba umuntu yizeye vuba+ kugira ntahave yivyimvya, agacirwa urubanza nk’urwaciriwe Shetani*. 7 Akwiye kandi kuba avugwa neza* n’abantu bo hanze y’ishengero+ kugira ntajeko umugayo* canke ngo agwe mu mutego wa Shetani*.
8 Abakozi b’ishengero na bo nyene bakwiye kuba abantu badafyina, badafise indimi zibiri*, batarenza urugero mu kunywa umuvinyu, batanohokera inyungu mbi+, 9 bagumya ibanga ryeranda ry’ukwizera bari n’ijwi ryo mu mutima ridahumanye+.
10 Vyongeye, nibabanze kugezwa kugira birabwe ko babereye*, baheze bemererwe kuba abakozi b’ishengero mu gihe ata co baregwa+.
11 Abagore na bo nyene bakwiye kuba abantu badafyina, batambika ibara abandi+, batarenza urugero mu ngeso zabo, bizigirwa muri vyose+.
12 Umukozi w’ishengero akwiye kuba ari umugabo afise umugore umwe, ahagarikira neza abana biwe n’urugo rwiwe. 13 Kuko abagabo bakora neza bituma bagira impagararo nziza kandi bakavugana umwidegemvyo mwinshi mu bijanye n’ukwizera bafise kwerekeye Kristu Yezu.
14 Ndakwandikiye ivyo bintu, naho nizigiye kuza iyo uri vuba, 15 kugira ngo bishitse ngateba, umenye ingene ubwirizwa kwigenza mu rugo rw’Imana+, ni ukuvuga ishengero rya ya Mana nzima, rukaba ari inkingi n’urwego bishigikiye ukuri. 16 Vy’ukuri, ibanga ryeranda rijanye n’uku kwihebera Imana nta woharira ko rikomeye: “Yerekanywe* mu mubiri+, yitwa umugororotsi mu mpwemu+, abonekera abamarayika+, yamamazwa mu mahanga+, mw’isi baramwizera+, yakirwa mw’ijuru mu buninahazwa.”
4 Ariko ijambo ryahumetswe* rivuga ritomora yuko mu bihe bizoza hari abazota ukwizera kubera bashira umutima ku majambo y’amahumekano azimiza*+ no ku nyigisho z’amadayimoni. 2 Bazoguta kandi kubera ubwiyorobetsi bw’abantu bavuga ibinyoma+, bafise ijwi ryo mu mutima rimeze nk’iryaturijwe icuma gishushe cane. 3 Babuza abantu kwabirana+, bakabategeka kwirinda ibifungurwa+ Imana yaremye ngo abafise ukwizera+ kandi bazi neza ukuri babifungure+ bashima. 4 Mu bisanzwe ikintu cose Imana yaremye ni ciza+, kandi nta na kimwe co gutabwa+ iyo cakiranywe umutima ushima, 5 kuko cezwa biciye kw’ijambo ry’Imana be n’isengesho.
6 Niwaha izi mpanuro abavukanyi, uzoba uri umusuku mwiza wa Kristu Yezu yagaburiwe amajambo y’ukwizera be n’inyigisho nziza wakurikiraniye hafi+. 7 Mugabo wamirire kure za nkuru z’ikinyoma zitukisha Imana+, nka zimwe zivugwa n’abatamakazi. Ariko wimenyereze ufise intumbero yo kwihebera Imana. 8 Kuko kunonora* umubiri bigira akamaro muri bike, mugabo kwihebera Imana bikagira akamaro muri vyose kubera birimwo umuhango w’ubuzima bw’ubu n’ubuzoza+. 9 Iryo jambo ni iryo kwizigirwa kandi rikwiye kwemerwa rwose. 10 Ni co gituma turiko turakora cane kandi tukihata+, kubera ko twashingiye icizigiro cacu ku Mana nzima, yo Mukiza+ w’abantu b’uburyo bwose+, canecane w’abizigirwa.
11 Guma utanga ayo mategeko wongera uyigisha. 12 Ntihagire n’umwe agaya ubuto bwawe. Ahubwo nubere abizigirwa akarorero mu mvugo, mu ngeso, mu rukundo, mu kwizera, mu kutandura*. 13 Mu kurindira ko nza, ugume wijukira gusomera imbere y’abantu+, guhimiriza* no kwigisha. 14 Ntufate minenegwe ingabirano ufise, imwe wahawe biciye ku buhanuzi igihe inama y’abakurambere yakurambikako ibiganza+. 15 Zirikana* ivyo bintu, ubicokeremwo, kugira iterambere ryawe ryibonekeze neza ku bantu bose. 16 Wame wiyubara wewe ubwawe, wiyubare no ku vyo wigisha+. Ushishikare ivyo bintu kuko niwabikora uzokwikiza ugakiza n’abakwumviriza+.
5 Ntukarire umutama+, ahubwo numwinginge nka so, abasore nka benewanyu, 2 abatamakazi nka ba nyoko, abigeme na bo nka bashikawe, ufise umutima utanduye na gato.
3 Niwitwararike* abapfakazi batagira gitabara*+. 4 Mugabo nimba hari umupfakazi afise abana canke abuzukuru, nibabanze bige kwihebera Imana mu kwitwararika abo mu rugo rwabo+, bishure abavyeyi babo na ba sekuru na ba inakuru ibibakwiye+, kuko ivyo vyemerwa imbere y’Imana+. 5 Umugore rero w’umupfakazi vy’ukuri kandi asigaye ari ntahonikora, arizigira Imana+ kandi akabandanya kuyitakambira no kuyisenga ijoro n’umurango+. 6 Mugabo uwihebera ivyo kuryoherwa* aba yarapfuye naho ari muzima. 7 Ugume utanga rero ayo mabwirizwa* kugira ntihagire ico babanegura*. 8 Mu vy’ukuri, nimba umuntu ataronsa abiwe ivyo bakeneye, na canecane abo mu rugo rwiwe, aba yihakanye ukwizera kandi aba abaye mubi kurusha uwutagira ukwizera+.
9 Umupfakazi ashirwa ku rutonde akwiye kuba atari munsi y’imyaka 60, yari afise umugabo umwe, 10 azwi ko akora ibikorwa vyiza+, yarareze neza abana biwe+, yarakira abashitsi+, akoza ibirenge vy’aberanda+, agafasha abari mu magorwa+, akihebera igikorwa ciza cose.
11 Ariko ntushire ku rutonde abapfakazi bakiri bato, kuko iyo inambu zabo z’umubiri zigiye hagati yabo na Kristu, baca bashaka kwubaka. 12 Bazocirwa urubanza kuko bahevye ivyo bari barasezeranye ubwa mbere*. 13 N’ikindi kandi biga kurera amaboko, bakagenda bayerera mu mihana. Emwe, ntibarera amaboko gusa ahubwo ni n’abanyarusaku kandi bisuka mu vy’abandi+, bakavuga ivyo batari bakwiye kuvuga. 14 Nshaka rero ko abapfakazi bakiri bato bubaka+, bakavyara abana+, bakitwararika urugo, ntibahe uwuturwanya akaryo ko kudutora amahinyu. 15 Mu vy’ukuri, hari abamaze guta inzira bakurikira Shetani. 16 Nimba hari umugore yizera afise incuti z’abapfakazi, nabafashe kugira ishengero ntiriremerwe. Gutyo rizoshobora guca rifasha abapfakazi batagira gitabara*+.
17 Abakurambere bahagarikira neza ishengero+ baterwe iteka ririmwo abiri+, canecane abakora cane mu kuvuga no mu kwigisha+. 18 Kuko icanditswe kivuga giti: «Ntimuze muzibire umunwa w’impfizi iriko irakubita ibinyantete+», ikindi na co giti: «Umukozi akwiriye impembo yiwe+.» 19 Ntiwemere ikirego kiregwa umukurambere*, kiretse habonetse ikimenyamenya gitanzwe n’ivyabona bibiri canke bitatu+. 20 Ukosorere*+ imbere ya bose abaza baracumura+, kugira ngo n’abandi batinye*. 21 Ndagutegetse nshimitse imbere y’Imana na Kristu Yezu n’abamarayika batowe ngo wubahirize ayo mabwirizwa ata kwiyumvira abandi uko batari canke ngo ugire nkunzi+.
22 Ntukarambike ibiganza gihutihuti ku muntu n’umwe*+, eka kandi ntugafatanye n’abandi mu bicumuro vyabo. Ugume utanduye.
23 Ntiwongere kunywa amazi*, mugabo uze uranywa akavinyu gakeyi kubera umushishito wawe no kubera ukunda kurwara.
24 Ibicumuro vy’abantu bamwebamwe biramenyekana ku mugaragaro, bigatuma bacirwa urubanza ubwo nyene, mugabo ibicumuro vy’abandi bikibonekeza mu nyuma+. 25 Ibikorwa vyiza na vyo nyene biramenyekana ku mugaragaro+, kandi n’ibidashoka vyibonekeza ntibishobora kuguma binyegejwe+.
6 Abashumba* nibagume babona ko ba shebuja babereye kwubahwa rwose+, kugira ngo izina ry’Imana n’inyigisho yayo ntivyigere bivugwa nabi+. 2 Vyongeye, abafise ba shebuja bizera ntibabagaye ngo ni uko ari abavukanyi. Ahubwo riho bakwiye kurushiriza gukora babikunze, kubera ko abungukira ku gikorwa ciza bakora ari abo basangiye ukwizera, bakaba n’abavukanyi babo bakunda cane.
Ugume wigisha ivyo bintu wongera ushikiriza ayo majambo yo guhimiriza. 3 Nimba hari umuntu yigisha izindi nyigisho kandi ntiyemere ya nyigisho ngirakamaro*+ iva ku Mukama wacu Yezu Kristu, canke ntiyemere inyigisho ihuye n’ukwihebera Imana+, 4 aba yivyimvya, kandi nta kintu na kimwe atahura+. Ni umuntu yatwawe ubwenge n’ivyo guhangana* mu vyiyumviro be n’impari z’amajambo+. Ivyo bituma havyuka agashari, imiryano, kwambikana ibara*, imyikeko mibi, 5 impari zidahera ku bintu bitagira akamaro zivyurwa n’abantu bononekaye mu bwenge+ kandi batagitahura ukuri, biyumvira ko ukwihebera Imana ari uburyo bwo kwironkera inyungu+. 6 Mu vy’ukuri, kwihebera Imana+ biri kumwe no kubumbwa n’ivyo umuntu afise*, birimwo inyungu ikomeye. 7 Kuko ata co twazanye mw’isi, kandi nta na kimwe dushobora kuyikuramwo+. 8 Iyo rero dufise ivyo kurya n’ivyo kwambara*, ivyo biratubumba+.
9 Ariko abiyemeje kuba abatunzi bagwa mu bigeragezo, mu mitego+ no mu vyipfuzo vy’ubupfu kandi bibagirira nabi, bidwibiza abantu mu gatikizo no mu mahonero+. 10 Kuko gukunda amahera ari umuzi w’ibibi vy’ubwoko bwose. Hari abaciye ku biti no ku mabuye kubera gukunda amahera maze barata ukwizera, bikwegera* imibabaro myinshi+.
11 Ariko weho ga muntu w’Imana, hunga ivyo bintu. Mugabo ukurikirane ubugororotsi, ukwihebera Imana, ukwizera, urukundo, ukwihangana n’ubwitonzi+. 12 Rwana intambara nziza y’ukwizera. Cakira ubuzima budahera wahamagariwe kandi ukabushingira intahe nziza ku mugaragaro imbere y’ivyabona vyinshi.
13 Imbere y’Imana, yo izigama ubuzima bw’ibintu vyose, n’imbere ya Kristu Yezu, we cabona yashinze intahe nziza ku mugaragaro imbere ya Ponsiyo Pilato+, ngutegetse 14 kwubahiriza amabwirizwa mu buryo butagira agatosi kandi ata co bunegurwa gushika Umukama wacu Yezu Kristu yerekanywe+. 15 Wa Munyabubasha rudende kandi ahimbawe azokwerekana ukwo kwigaragaza igihe cakwo kigeze. Ni Umwami w’abami baganza, akaba n’Umukama aruta abatwara bose+, 16 umwe wenyene adapfa+, aba mu muco utegerwa+, wa wundi ata muntu n’umwe yigeze amubona canke ashobora kumubona+. Nahabwe iteka, kandi ubushobozi bwiwe bwameho ibihe bidahera. Amen.
17 Bwira* abatunzi bo muri iki gihe* kutibona* no kutizigira ubutunzi butari ubwo kwizigirwa+, mugabo bizigire Imana, yo ituronsa ku bwinshi ibintu vyose tunezererwa+. 18 Ubabwire gukora iciza, kuba abatunzi mu bikorwa vyiza, kuba abantu batanga cane, biteguriye gusangira n’abandi+. 19 Bazoba bishingiye umushinge mwiza ku bwa kazoza nk’umuntu abitse ubutunzi ahatagira inkomanzi+, kugira bacakire ubuzima nyakuri+.
20 Ewe Timoteyo, rinda ico wajejwe+, wamirire kure amajambo ata co amaze atukisha ibintu vyeranda, be n’ivyiyumviro bivuguruzanya vyitwa ngo ni «ubumenyi+.» 21 Hari abashatse kwerekana ko bafise ubwo bumenyi bituma bata ukwizera.
Ubuntu buhebuje* bubane namwe.
Iryo zina risobanura ngo «uwubaha Imana.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «ndaguhaye iryo tegeko.»
Mu kigiriki havuga ngo «b’itegeko.»
Mu kigiriki havuga ngo «ayakoresheje mu buryo buhuye n’amategeko.»
Canke «batagira urukundo rudahemuka (rudahera).»
Raba Insiguro y’amajambo (Ubusambanyi).
Mu kigiriki havuga ngo «baryamana.»
Canke «ntungamagara.»
Canke «ubusuku.»
Canke «narogota.»
Canke «atabora.»
Canke «ndaguhaye iryo tegeko.»
Canke «kutarogota.»
Canke «bari mu bibanza vyo hejuru.»
Ni ukuvuga incungu ingana n’icari catakaye.
Canke «ku bw’abantu b’uburyo bwose.»
Mu kigiriki havuga ngo «adahemuka.»
Canke «bwisoneye.»
Canke «bafise ubwenge buroranye.»
Canke «gutsiba.»
Ni utubuye tw’agaciro tumeze nk’utudede.
Canke «atekanye.»
Canke «atekanye.»
Canke «bafise ubwenge buroranye.»
Canke «yipfuje gushikira ibanga ryo kuba.»
Canke «umucungezi.»
Canke «afise ubwenge buroranye.»
Canke «akora ibitegereka», «atumira ku vyiyumviro vyiwe», «atarenza urugero.»
Canke «ayobora.»
Canke «kuyobora.»
Mu kigiriki havuga ngo «wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).
Mu kigiriki havuga ngo «ashingirwa intahe nziza.»
Canke «iceyi.»
Mu kigiriki havuga ngo «wa wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).
Canke «batabesha.»
Canke «ko bakwije ibisabwa.»
Ni ukuvuga Yezu.
Mu kigiriki havuga ngo «ariko impwemu.»
Mu kigiriki havuga ngo «ku mpwemu zizimiza.»
Canke «kumenyereza.»
Canke «mu kuba uwutyoroye.»
Canke «kuremesha.»
Canke «iyumvire witonze.»
Mu kigiriki havuga ngo «tera iteka.»
Mu kigiriki havuga ngo «b’abapfakazi vy’ukuri.»
Gushobora kuba ari ukuryoherwa kujanye n’ivy’igitsina.
Canke «ayo mategeko.»
Biboneka ko ari abapfakazi n’incuti zabo.
Mu kigiriki havuga ngo «ukwizera kwabo kwa mbere.»
Mu kigiriki havuga ngo «b’abapfakazi vy’ukuri.»
Mu kigiriki havuga ngo «umugabo ahumuye.»
Canke «ukangirire.»
Canke «kugira ngo bibere abandi imburi.»
Ni ukuvuga kutihutira kugena umuntu n’umwe.
Canke «reka kuza uranywa amazi gusa.»
Mu kigiriki havuga ngo «abashumba bari munsi y’ingogo.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).
Canke «ntungamagara.»
Canke «akunda birenze urugero ivyo guhangana.»
Canke «ugutukana.»
Mu kigiriki havuga ngo «kuba umuntu yikwije.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «aho kuba.» Mu kigiriki havuga ngo «ico kwipfuka.»
Mu kigiriki havuga ngo «bicumitisha.»
Canke «tegeka.»
Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).
Canke «kutihambaza.»
Raba Insiguro y’amajambo.