IKETE RYA KABIRI RYANDIKIWE ABATESALONIKA
1 Jewe Pawulo na Silivano* na Timoteyo+, turabandikiye mwebwe shengero ry’Abatesalonika ryunze ubumwe n’Imana ari yo Data hamwe n’Umukama Yezu Kristu.
2 Ubuntu buhebuje* n’amahoro biva ku Mana ari yo Data no ku Mukama Yezu Kristu bibane namwe.
3 Ntitworeka kwama dushimira Imana ku biberekeye bavukanyi. Ivyo birabereye kubera ko ukwizera kwanyu kuriko kurakura cane, n’urukundo mwese mufitaniye rukaba ruriko rurongerekana+. 4 Ni co gituma tubishimira+ mu mashengero y’Imana, kubera ukwihangana kwanyu n’ukwizera kwanyu mu ruhamo rwose murimwo no mu ngorane* ziriko zirabashikira*+. 5 Ico ni ikimenyamenya c’urubanza rugororotse rw’Imana ruzotuma mubonwa ko mubereye Ubwami bw’Imana, ari na bwo vy’ukuri muriko murababarizwa+.
6 Kuko Imana ibona ko bigororotse kwishura amakuba abayabateza+. 7 Mugabo mwebwe abatezwa amakuba, izotuma muruhurirwa hamwe natwe, Umukama Yezu niyahishurwa+ avuye mw’ijuru ari kumwe n’abamarayika biwe b’ububasha+ 8 mu mbeya z’umuriro, aje kwihora abatazi Imana n’abatagamburukira inkuru nziza yerekeye Umukama wacu Yezu+. 9 Igihano abo bazoronka ni urubanza rw’ugutikizwa ibihe bidahera+ bakava imbere y’Umukama n’imbere y’ubuninahazwa bw’inkomezi ziwe, 10 igihe azoba aje kugira ngo aninahazwe ku bijanye n’aberanda biwe no kugira ngo kuri uwo musi abizeye bose bamutangarire, kubera ko mwizeye intahe twashinze.
11 Ni co gituma twama tubasengera ngo Imana yacu ibone ko mubereye iteka yabahamagariye+, yongere ikoreshe ububasha bwayo mu gushitsa neza ivyiza vyose biyihimbara n’igikorwa cose mukora mubitumwe n’ukwizera. 12 Ivyo ni ukugira ngo izina ry’Umukama wacu Yezu rininahazwe biciye kuri mwebwe, namwe mwunge ubumwe na we, bivuye ku buntu buhebuje bw’Imana yacu n’ubw’Umukama Yezu Kristu.
2 Ariko ku bijanye n’igihe c’ukugaruka* kw’Umukama wacu Yezu Kristu+ be n’ugukoranirizwa hamwe ngo tube kumwe na we+, turabasavye bavukanyi 2 ngo ivyiyumviro vyanyu ntibihungabane* ningoga canke ngo muhagarike umutima kubera amajambo ahumetswe*+ canke ubutumwa bwo ku munwa canke ikete risa n’irivuye iwacu, bivuga ko umusi wa Yehova*+ umaze gushika.
3 Ntihagire uwubazimiza* mu buryo na bumwe, kuko uwo musi utazoza hatabanje kuba kwa guheba Imana*+ na wa mugarariji+ agahishurwa, wa mwana wo kuranduka+. 4 Ni umwansi kandi yishira hejuru y’icitwa imana cose canke ikintu gisengwa, ku buryo yicara mu rusengero rw’Imana, akiyerekana ku mugaragaro ko ari imana. 5 Ntimwibuka yuko ivyo bintu nahora ndabibabwira nkiri kumwe namwe?
6 Kandi ubu murazi uwubera intambamyi uwo mugarariji kugira ngo azohishurwe mu gihe ciwe. 7 Ego ni ko, ububasha bw’amayobera bw’uwo mugarariji buramaze gutangura gukora+, mugabo ni gushika uwumubereye intambamyi muri iki gihe avuyeho. 8 Nya mugarariji azoheza ahishurwe vy’ukuri, Umukama Yezu akaba azomukuzaho impwemu iva mu kanwa kiwe+, amuhindure ubusa igihe azokwerekana+ ko yagarutse*. 9 Mugabo uwo mugarariji ariho kubera ububasha bwa Shetani+, kandi akora ubwoko bwose bw’ibikorwa vy’ububasha n’ibimenyetso vy’ububeshi be n’ibitangaza vy’ububeshi+, 10 agakoresha n’ibintu vyose bitagororotse ngo ahende+ abariko baja mu mahonero. Iyo ni yo mpembo yabo kubera ko banse gukunda ukuri ngo bakizwe. 11 Ni co gituma Imana ireka bakazimizwa n’ibinyoma kugira bemere amajambo y’ububeshi+ 12 maze bose bacirwe urubanza kubera batemeye ukuri, mugabo bagahimbarirwa ibitagororotse.
13 Ariko ntitworeka kwama dushimira Imana ku biberekeye, yemwe bavukanyi bakundwa na Yehova*, kuko Imana yabarobanuye+ guhera mu ntango kugira muronke ubukiriro. Ivyo yabigize mu kubeza+ biciye ku mpwemu yayo no kubera mwizera ukuri. 14 Ivyo ni vyo yabahamagariye biciye ku nkuru nziza tumenyesha, kugira ngo muronke ubuninahazwa bw’Umukama wacu Yezu Kristu+. 15 Nuko rero bavukanyi, muhagarare mushikamye+ kandi mugumye ivyo* mwigishijwe+ biciye ku butumwa bwo ku munwa canke kw’ikete ryacu. 16 Vyongeye, Umukama wacu Yezu Kristu ubwiwe be n’Imana ari yo Data wa twese, yadukunze+ ikaduha uruhoza rw’ibihe bidahera n’icizigiro ciza+ biciye ku buntu buhebuje*, 17 bahoze imitima yanyu bongere batume mushikama* ngo mugume mukora ivyiza, mu mvugo no mu ngiro.
3 Ubwa nyuma bavukanyi, mubandanye kudusengera+ ngo ijambo rya Yehova* rigume rikwiragira ningoga+ ryongera ryubahwa, nk’uko mubigira aho iwanyu. 2 Mudusengere kandi kugira ngo dukizwe abantu bakora ikibi kandi b’ababisha+, kuko ukwizera atari ikintu gifiswe na bose+. 3 Mugabo Umukama ni umwizigirwa, kandi azobakomeza yongere abarinde wa mubisha. 4 Vyongeye, turizigiye Umukama ku biberekeye yuko muriko murakora ivyo tubabwira kandi ko muzobandanya kubikora. 5 Umukama abandanye kuyobora neza imitima yanyu kugira ngo mukunde Imana+ mwongere mwihangane+ ku bwa Kristu.
6 Turabasavye rero bavukanyi, mw’izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu, ngo mwitandukanye n’umuvukanyi wese yigenza mu buryo butabereye+, ntiyisunge ivyo twabigishije*+. 7 Mwebwe ubwanyu murazi ivyo mukwiye gukora ngo mutwigane+, kuko tutigenjeje mu buryo butabereye igihe twari iwanyu. 8 Eka kandi nta n’umwe twaririye ibifungurwa ku buntu*+. Ahubwo riho, twarakora cane tukabira akuya ijoro n’umurango, kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe turemera tumusaba vyinshi+. 9 Si uko tutabifitiye ububasha+, ahubwo kwari ukugira ngo tubabere akarorero mwokwigana+. 10 N’igihe twari kumwe namwe twahora tubategeka duti: «Uwudashaka gukora, no kurya ntarye+.» 11 Kuko twumvise ko hari bamwe muri mwebwe bigenza mu buryo butabereye+, ntibakore namba, mugabo bakita mu bitabaraba+. 12 Mwene abo bantu turabategetse kandi turabahimirije mw’izina ry’Umukama Yezu Kristu ngo bakore batekereje kandi barye ivyo bakoreye+.
13 Nayo mwebwe bavukanyi, ntimuhebe gukora ivyiza. 14 Mugabo nimba hari uwudakurikiza ivyo tubabwiye muri iri kete, mumubeko maso* kandi mureke kwifatanya na we+ kugira ngo amaramare. 15 Yamara ntimumufate nk’umwansi, ahubwo mubandanye kumukebura+ nk’umuvukanyi.
16 Wa Mukama w’amahoro rero, we ubwiwe yame abaha amahoro mu buryo bwose+. Umukama abane namwe mwese.
17 Ng’iyi indamutso yanje jewe Pawulo nanditse n’ukuboko kwanje+, kikaba ari ikimenyetso kiranga amakete yanje yose. Ukwo ni ko nandika.
18 Ubuntu buhebuje* bw’Umukama wacu Yezu Kristu bubane namwe mwese.
Yitwa kandi Silasi.
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «mu makuba.»
Canke «muriko murihanganira.»
Canke «ukuhaba.» Raba Insiguro y’amajambo (Ukuhaba).
Canke «ntibinyiganyizwe.»
Canke «kubera impwemu.» Raba Insiguro y’amajambo (Impwemu).
Raba Inyongera ya A5.
Canke «uwubaryosharyosha.»
Mu kigiriki havuga ngo «bwa buhuni.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).
Canke «azokwerekana ko ari ho ari.» Raba Insiguro y’amajambo (Ukuhaba).
Raba Inyongera ya A5.
Mu kigiriki havuga ngo «imigenzo.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «babakomeze.»
Raba Inyongera ya A5.
Mu kigiriki havuga ngo «umugenzo twabahaye.»
Canke «ata co turishe.»
Mu kigiriki havuga ngo «mumushireko ikimenyetso.»
Raba Insiguro y’amajambo.