IKETE RYA MBERE RYANDIKIWE ABATESALONIKA
1 Jewe Pawulo na Silivano*+ na Timoteyo+, turabandikiye mwebwe shengero ry’Abatesalonika ryunze ubumwe n’Imana ari yo Data hamwe n’Umukama Yezu Kristu.
Ubuntu buhebuje* n’amahoro bibane namwe.
2 Twama dushimira Imana iyo mwese tubashize mu masengesho yacu+, 3 kuko tuguma twibuka igikorwa mukorana ukwizera, ukuntu mubira akuya bivuye ku rukundo, n’ukuntu mwihangana kubera ko mwizigira+ Umukama wacu Yezu Kristu, imbere y’Imana yacu ikaba na Data. 4 Bavukanyi, mwebwe mukundwa n’Imana, turazi ko yabatoye 5 kubera ko inkuru nziza twamamaza tutayibabwiye mu majambo gusa, ariko kandi twayibabwiranye ububasha n’impwemu nyeranda n’ukujijuka gukomeye. Murazi uko twari tumeze iwanyu ku neza yanyu. 6 Vyongeye, mwaratwiganye+ mwigana n’Umukama+, uravye ukuntu mwemeye rya jambo mu makuba menshi+, mufise umunezero uva ku mpwemu nyeranda, 7 ku buryo mwabereye akarorero abizera bose b’i Masedwane n’i Akaya.
8 Mu bisanzwe, ijambo rya Yehova* ntiryakwiragiye gusa i Masedwane n’i Akaya rivuye iwanyu, ahubwo ukwizera Imana kwanyu kwarakwiragiye hose+, ku buryo ata co dukeneye kuvuga. 9 Kuko bo ubwabo baguma bavuga ukuntu twahuye namwe ari bwo bwa mbere. Baravuga n’ingene mwahevye ibigirwamana vyanyu+ mugahindukirira Imana kugira mushumbire Imana nzima kandi y’ukuri, 10 no kugira ngo murindire ko Umwana wayo, ari we Yezu, aza avuye mw’ijuru+. Yaramuzuye mu bapfuye, akaba ari we adukiza uburake buriko buraza+.
2 Mu vy’ukuri bavukanyi, mwebwe ubwanyu murazi yuko urugendo twagize iwanyu rutabaye impfagusa+. 2 Twabanje gushikirwa n’imibabaro twongera dufatwa nabi bimwe biteye isoni i Filipi+, nk’uko mubizi, mugabo Imana yacu yaradufashije kugira ubutinyutsi* ngo tubabwire inkuru nziza y’Imana+ naho twarwanijwe cane*. 3 Kuko ivyo tubahimiriza gukora bitava ku kwihenda canke ku buhumane canke ku bubeshi, 4 ahubwo Imana yabonye ko tubereye kuzezwa inkuru nziza, akaba ari co gituma tutayivuga ngo dushimishe abantu ariko tuyivuga ngo dushimishe Imana yo isuzuma imitima yacu+.
5 Murazi yuko tutigeze dukoresha amajambo yo kubaryosharyosha canke ngo tubiyereke uko tutari turondera guhisha umwina dufise+. Imana ni yo cabona! 6 Eka kandi ntitwarondeye gushimagizwa* n’abantu, yaba mwebwe canke abandi, naho twari gushobora kubaremera tubasaba vyinshi kubera turi intumwa za Kristu+. 7 Ahubwo riho, twabaye abantu bengenga muri mwebwe, nka kurya umuvyeyi yonsa yitwararikana ikibabarwe* umwana wiwe. 8 Kubera ikibabarwe tubafitiye rero, twari twiyemeje* kutabashikiriza gusa inkuru nziza y’Imana, mugabo tukabaha n’ubuzima bwacu bwite+ kuko twari dusigaye tubakunda cane+.
9 Bavukanyi, muribuka neza ukuntu twakoze tutiziganya tukabira akuya. Igihe twababwira inkuru nziza y’Imana, twarakora ijoro n’umurango kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe turemera tumusaba vyinshi+. 10 Muri ivyabona, n’Imana ni icabona, yuko twabaye abantu badahemuka, bagororotse kandi batagirako umugayo mu kuntu twabafashe, mwebwe abemera. 11 Murazi yuko twagumye tubahimiriza, tubirura, twongera duhanura umwe wese muri mwebwe+, nk’uko sebibondo+ abigirira abana biwe, 12 kugira ngo mubandanye kugenda nk’uko bibereye abakorera Imana+, yo ibahamagarira Ubwami bwayo+ n’ubuninahazwa bwayo+.
13 Ni co gituma kandi twama dushimira Imana+ kubera ko igihe mwakira ijambo ryayo mwatwumvanye, mutaryemeye nk’ijambo ry’abantu, ahubwo mwaryemeye nk’uko riri koko, nk’ijambo ry’Imana. Ni na ryo ririko rirakorera muri mwebwe abemera. 14 Bavukanyi, mwariganye amashengero y’Imana ari i Yudaya yunze ubumwe na Kristu Yezu, kubera ko mwagiriwe nabi n’abo muva mu gihugu kimwe+, nk’uko n’ab’i Yudaya bariko bagirirwa nabi n’Abayuda, 15 abishe mbere n’Umukama Yezu+ n’abahanuzi, natwe bakaduhama+. Kandi ntibariko bashimisha Imana, ahubwo bariko bononera abantu bose 16 kuko bagerageza kutubuza kubwira inkuru nziza abanyamahanga ngo na bo bakizwe+. Mu gukora ivyo, baguma bongerereza* ibicumuro vyabo. Mugabo uburake bwayo bugira buze bwabashikako+.
17 Mugabo igihe twatandukana namwe akanya gato ga bavukanyi (tugatandukana ku maso atari ku mutima), nta ko tutagize ngo tubabone amaso mu yandi, kubera twari tubishashaye cane. 18 Ni co catumye dushaka kuza iwanyu. Honyene ushima, jewe Pawulo sinagerageje rimwe gusa, nagerageje kabiri, mugabo Shetani yaratuzibiye. 19 None icizigiro cacu canke umunezero wacu canke urugori rwacu ruzotuma twigina imbere y’Umukama wacu Yezu mu gihe c’ukugaruka* kwiwe, si mwebwe+? 20 Mu vy’ukuri ni mwebwe teka* ryacu n’umunezero wacu.
3 Igihe rero tutari tugishoboye kuvyihanganira, twabonye ari vyiza ko dusigara twenyene i Atene+, 2 maze tukabarungikira Timoteyo+, umuvukanyi wacu akaba n’umusuku w’Imana* mu bijanye n’inkuru nziza yerekeye Kristu. Twamurungitse kugira ngo abafashe gushikama* yongere abahoze mu bijanye n’ukwizera kwanyu, 3 ngo ntihagire n’umwe ahungabanywa* n’ayo makuba, kuko mwebwe ubwanyu muzi ko tubwirizwa gushikirwa n’ivyo bintu*+. 4 Igihe twari kumwe namwe twahora tubabwira yuko tuzoshikirwa n’amakuba, kandi ni ko vyagenze nk’uko mubizi+. 5 Ni co gituma igihe ntari ngishoboye kuvyihanganira, narungitse umuntu kugira ngo menye yuko mukiri abizigirwa+, kubera ko hari aho Shetani*+ yoba yarabagerageje, maze akuya twabize kakaba impfagusa.
6 Mugabo Timoteyo ahejeje gushika iwacu avuye iwanyu+, kandi yatubwiye agakuru keza k’ubwizigirwa bwanyu n’urukundo rwanyu, yuko muguma mutwibukana igishika be n’uko mudukumbuye, nk’uko na twebwe tubakumbuye. 7 Ni co gituma bavukanyi, twahojejwe mu mibabaro yacu yose* no mu makuba yacu yose kubera mwebwe no kubera ukuntu muguma muri abizigirwa+. 8 Iyo muhagaze mushikamye mu Mukama bituma turonka intege*. 9 Mbega twoshimira gute Imana yacu kubera umunezero mwinshi mutuma tugira imbere yayo? 10 Ijoro n’umurango turatakamba twivuye inyuma kugira turabe ko twobabona amaso mu yandi no kugira ngo tubaronse ivyo mubuze mu kwizera kwanyu+.
11 Ese Imana yacu ubwayo ari na yo Data, hamwe n’Umukama wacu Yezu botuma bikunda ko tuza iwanyu. 12 Vyongeye, Umukama natume urukundo mufitaniye+ n’urwo mufitiye abandi bose rugwira, emwe rwongerekane, nk’uko natwe tubakunda cane, 13 kugira ngo atume imitima yanyu ishikama, ibe iyitagira umugayo mu bijanye n’ubweranda imbere y’Imana yacu+ ikaba na Data, mu gihe c’ukugaruka* kw’Umukama wacu Yezu+ ari kumwe n’aberanda biwe bose.
4 Ubwa nyuma bavukanyi, twarabasiguriye uko mukwiye kwigenza kugira ngo muhimbare Imana+, kandi vy’ukuri ni ko mwigenza. Turabasavye rero twongera tubinginga mw’izina ry’Umukama Yezu ngo mugume murushiriza kubigira rwose. 2 Kuko muzi amabwirizwa* twabahaye avuye ku Mukama Yezu.
3 Ico Imana igomba ni uko muba beranda+, mukirinda ubusambanyi*+. 4 Umwe wese muri mwebwe akwiye kumenya kuganza umubiri* wiwe bwite+ kugira ugume ari mweranda+ kandi uteye iteka. 5 Ntimumere nk’abanyamahanga batazi Imana+ kubera ko birekerana mu vy’inambu y’umubiri+, ntibahere ipfa. 6 Ntihagire n’umwe arenga akarimbi ngo agirire nabi* umuvukanyi wiwe muri ivyo, kuko Yehova* ahana abakora ivyo vyose, nk’uko twigeze kubibabwira kandi tukababurira dushimitse. 7 Kuko Imana itaduhamagariye ubuhumane, ahubwo yaduhamagariye kuba beranda+. 8 Uwukengera rero izo ngabisho ntaba akengereye umuntu, ahubwo aba akengereye Imana+ ibaha impwemu yayo nyeranda+.
9 Ariko ku bijanye no gukunda abavukanyi+, ntibikenewe ko tubibandikira, kuko mwebwe ubwanyu mwigishwa n’Imana gukundana+. 10 Kandi vy’ukuri, murakunda abavukanyi bose b’i Masedwane hose. Mugabo turabahimiriza bavukanyi, ngo mugume murushiriza kubigira. 11 Mwiyemeze kubaho mutekanye+ no kuraba ivyanyu bwite+ no gukoresha amaboko yanyu+, nk’uko twabibasavye 12 kugira ngo mwigenze mu buryo bubereye imbere y’abantu bo hanze y’ishengero+, ata co mukena.
13 Vyongeye bavukanyi, ntidushaka ko mutamenya ivyerekeye abasinziriye mu rupfu+, kugira ngo ntimugire agahinda nka bamwe badafise icizigiro+. 14 Kuko nimba twizera yuko Yezu yapfuye akongera akazuka+, n’abasinziriye mu rupfu bunze ubumwe na Yezu na bo nyene Imana izobagarukana hamwe na we+. 15 Ibi ni vyo tubabwira biciye kw’ijambo rya Yehova*: twebwe abazima tuzoba tukiriho gushika mu gihe c’ukugaruka* kw’Umukama ntituzogenda dutanze abasinziriye mu rupfu. 16 Kuko Umukama ubwiwe azomanuka avuye mw’ijuru n’akamo k’ugutegeka, n’ijwi ry’umumarayika mukuru+ be n’urumbete rw’Imana, maze abapfuye bunze ubumwe na Kristu bazuke ubwa mbere+. 17 Mu nyuma twebwe abazima tuzoba tukiriho, tuzojanwa mu bicu+ hamwe na bo gusanganira Umukama+ mu kirere. Gutyo tuzokwama turi kumwe n’Umukama+. 18 Nimugume rero muhozanya mubwirana ayo majambo.
5 Nayo ku vyerekeye ibihe n’ibiringo bavukanyi, nta co mukeneye kwandikirwa. 2 Kuko mwebwe ubwanyu muzi neza yuko umusi wa Yehova*+ uzoza neza na neza nk’igisuma mw’ijoro+. 3 Igihe bazoba bavuga ngo: «Amahoro n’umutekano!», ni ho agatikizo kazoza bukwi na bukwi+, kabazeko ako kanya nyene nka kurya umugore yibungenze afatwa n’ibise, kandi ntibazogenda barusimvye. 4 Mugabo mwebwe bavukanyi, ntimuri mu mwiza ngo uwo musi uze ubahwikire nk’uko umuco w’umurango wohwikira ibisuma, 5 kuko mwese muri abana b’umuco n’abana b’umurango+. Ntituri ab’ijoro canke ab’umwiza+.
6 Nuko rero ntidusinzire nk’uko abandi bagira+, ahubwo tugume turikanuye+ kandi tuzigame ubwenge bwacu+. 7 Kuko abasinzira basinzira mw’ijoro, n’ababorerwa bakaborerwa mw’ijoro+. 8 Nayo twebwe ab’umurango, tuzigame ubwenge bwacu kandi twambare ukwizera n’urukundo nk’igikingira igikiriza, twambare n’icizigiro c’ubukiriro nk’inkofero+. 9 Kuko Imana itadutoye ngo dushikirwe n’uburake, ahubwo yadutoye ngo turonke ubukiriro+ biciye ku Mukama wacu Yezu Kristu. 10 Yezu yaradupfiriye+ kugira ngo twaba turi maso canke dusinziriye*, tubeho turi kumwe na we+. 11 Mugume rero muremeshanya* mwongera mwubaka bagenzi banyu+, nk’uko musanzwe mubigira.
12 Turabasaba rero bavukanyi, ngo mutere iteka abakora cane muri mwebwe kandi babahagarikira mu gikorwa c’Umukama bakongera bakabakebura. 13 Mububahe bimwe bidasanzwe mubigiranye urukundo kubera igikorwa bakora+. Mubane amahoro na bagenzi banyu+. 14 Vyongeye bavukanyi, turabahimiriza ngo mukebure* abigenza mu buryo butabereye*+, muyagishe abacitse intege* n’ijwi ryirura, mufate mu mugongo abagoyagoya, mwihanganire bose+. 15 Murabe ntihagire uwishura ikibi ku kindi+, ahubwo mwame murondera gukorera iciza bagenzi banyu n’abandi bose+.
16 Mwame munezerwa+. 17 Musenge igihe cose+. 18 Mukenguruke muri vyose+. Ivyo ni vyo Imana igomba ko mukora mwebwe mwunze ubumwe na Kristu Yezu. 19 Ntimuzimye umuriro w’impwemu+. 20 Ntimukengere ubuhanuzi+. 21 Musuzume ibintu vyose+, mwumire ku vyiza. 22 Mwirinde ubwoko bwose bw’ububisha+.
23 Ese ya Mana y’amahoro, yo ubwayo yobeza rwose. Bavukanyi, impwemu yanyu, ubuzima bwanyu n’umubiri wanyu, nibizigamwe bizosangwe bitagira akanenge mu kintu na kimwe kandi bitagira umugayo mu gihe c’ukugaruka* kw’Umukama wacu Yezu Kristu+. 24 Ya Mana ibahamagara ni iyo kwizigirwa, kandi izobikora vy’ukuri.
25 Bavukanyi, mubandanye kudusengera+.
26 Muramutse abavukanyi bose mu kugumbirana n’igishika*.
27 Ndabasavye nshimitse mw’izina ry’Umukama ko iri kete risomerwa abavukanyi bose+.
28 Ubuntu buhebuje* bw’Umukama wacu Yezu Kristu bubane namwe.
Yitwa kandi Silasi.
Raba Insiguro y’amajambo.
Raba Inyongera ya A5.
Canke «umutima rugabo.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «twari mu rugamba rukomeye.»
Canke «kuninahazwa.»
Canke «abungabungana urukundo.»
Mu kigiriki havuga ngo «twarahimbawe cane.»
Mu kigiriki havuga ngo «buzuza.»
Canke «ukuhaba.» Raba Insiguro y’amajambo (Ukuhaba).
Canke «ni mwebwe buninahazwa.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «umukozi akorana n’Imana.»
Canke «abakomeze.»
Canke «anyiganyizwa.»
Canke «twagenewe ivyo bintu.»
Mu kigiriki havuga ngo «Umugerageji.»
Mu kigiriki havuga ngo «mu vyo tubuze vyose.»
Mu kigiriki havuga ngo «tubaho.»
Canke «ukuhaba.» Raba Insiguro y’amajambo (Ukuhaba).
Canke «amategeko.»
Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.
Mu kigiriki havuga ngo «icombo c’ibumba.»
Canke «anyage», «ace mu ryahumye.»
Raba Inyongera ya A5.
Raba Inyongera ya A5.
Canke «ukuhaba.» Raba Insiguro y’amajambo (Ukuhaba).
Raba Inyongera ya A5.
Canke «dusinziriye mu rupfu.»
Canke «muhozanya.»
Canke «muburire.»
Canke «abatagendera ku rutonde.»
Canke «abadendebukiwe.» Mu kigiriki havuga ngo «abafise umutima mutoyi.»
Canke «ukuhaba.» Raba Insiguro y’amajambo (Ukuhaba).
Mu kigiriki havuga ngo «muramukanishe ugusomana kweranda abavukanyi bose.»
Raba Insiguro y’amajambo.