ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • nwt Abakolosayi 1:1-4:18
  • Abakolosayi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abakolosayi
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Abakolosayi

IKETE RYANDIKIWE ABAKOLOSAYI

1 Jewe Pawulo intumwa ya Kristu Yezu biciye kw’igomba ry’Imana, n’umuvukanyi wacu Timoteyo+, 2 turabandikiye mwebwe aberanda mukaba n’abavukanyi b’abizigirwa bunze ubumwe na Kristu muri i Kolosayi.

Ubuntu buhebuje* n’amahoro biva ku Mana Data wa twese bibane namwe.

3 Twama dushimira Imana Se w’Umukama wacu Yezu Kristu iyo tubasengeye, 4 kubera twumvise ingene mwizera Kristu Yezu be n’urukundo mufitiye aberanda bose 5 mubitumwe n’icizigiro mubikiwe mw’ijuru+. Ico cizigiro mwacumvise kera biciye ku butumwa bw’ukuri, ni ukuvuga inkuru nziza 6 yabashikiriye. Nk’uko nyene inkuru nziza iriko irama ivyamwa kandi igakwiragira mw’isi yose+, ni ko biriko biraba n’aho iwanyu kuva umusi mwumva kandi mukamenya neza ubuntu buhebuje bw’Imana ico ari co vy’ukuri. 7 Ivyo ni vyo mwamenye biciye kuri Epafura+ umushumba mugenzi wacu dukunda cane, akaba ari umusuku w’umwizigirwa wa Kristu ahatubera. 8 Yaranatumenyesheje urukundo rwanyu rwo mu buryo bw’impwemu*.

9 Ni na co gituma kuva umusi twavyumva, tutigeze tureka kubasengera+ no gusaba yuko mwomenya neza* ivyo igomba ku rugero rwuzuye+, mufise ubukerebutsi bwose n’ugutegera kwo mu vy’impwemu+, 10 kugira ngo mugende nk’uko bibereye abakorera Yehova* ngo mumushimishe bimwe bishitse, uko mubandanya kwama ivyamwa mu gikorwa ciza cose no kurushiriza kumenya neza ivyerekeye Imana+. 11 Ese mwokomezwa n’ububasha bwose buva ku bushobozi bwayo bw’agatangaza+, ngo mubone kwihangana bimwe bishitse mufise ukwiyumanganya n’umunezero, 12 mushimira Data yatumye muba ababereye kuronka ku ntoranwa y’aberanda+ bari mu muco.

13 Yaraturokoye adukiza ububasha bw’umwiza+, atwimurira mu bwami bw’Umwana wiwe akunda cane. 14 Kubera uwo Mwana wiwe turabohorwa biciye ku ncungu, tukababarirwa ibicumuro vyacu+. 15 Ni we shusho y’Imana itaboneka+, imfura mu vyaremwe vyose+. 16 Kuko ibindi bintu vyose vyaremwe mw’ijuru no kw’isi biciye kuri we, ibiboneka n’ibitaboneka+, zaba intebe z’ubwami canke ubutware canke intwaro canke ubukuru. Ibindi bintu vyose vyaremwe biciye kuri we+ kandi ni we vyaremewe. 17 Vyongeye, yariho imbere y’ibindi bintu vyose+, kandi ibindi bintu vyose vyabayeho biciye kuri we. 18 Ni we mutwe w’umubiri, ari ryo shengero+. Ni we ntango, imfura mu kuva mu bapfuye+, kugira ngo abe uwa mbere muri vyose. 19 Imana vyarayihimbaye ko ibintu vyose vyuzura muri we+, 20 kandi biciye kuri we ikongera igatuma ibindi bintu vyose bisubiza hamwe na yo+, vyaba ivyo kw’isi canke ivyo mw’ijuru, mu kugarukana amahoro biciye ku maraso+ yasheshe ku giti co kubabarizwako*.

21 Vy’ukuri, mwebwe mwahora kure y’Imana mukaba n’abansi bayo kubera yuko mwiyumvira ibikorwa bibi, 22 ubu yaratumye musubiza hamwe na yo ikoresheje umubiri wiwe w’umuntu, biciye ku rupfu rwiwe. Imana yabigize kugira ibashikirize imbere yayo muri beranda kandi mutagira akanenge*, ata n’ico muregwa+, 23 mukire gusa kuguma mu kwizera+, mufashe neza ku mushinge+ kandi mushikamye+, mudakurwa ku cizigiro c’iyo nkuru nziza mwumvise kandi yamamajwe mu vyaremwe vyose biri munsi y’ijuru+. Jewe Pawulo nabaye umusuku w’iyo nkuru nziza+.

24 Ubu ndanezererwa imibabaro ndimwo ku bwanyu+, kandi ndiko ndashikirwa n’amakuba ya Kristu, naho ataranshikira ku rugero rwuzuye mu mubiri wanje. Ivyo binshikira ku bw’umubiri wiwe+, ari wo shengero+. 25 Nabaye umusuku w’iryo shengero kubera ibanga* Imana yanjeje+ ku neza yanyu kugira ngo namamaze ijambo ry’Imana bimwe bishitse, 26 namamaze rya banga ryeranda+ ryari ryaranyegejwe kuva mu bihe* vyarenganye+, rikanyegezwa abantu bo mu bihe vya kera*. Ariko ubu ryarahishuriwe aberanda bayo+, 27 abo Imana yashimye kumenyesha ubutunzi bw’agatangaza bw’iryo banga ryeranda+ mu mahanga. Iryo banga ni Kristu, uwunze ubumwe namwe, bikaba bituma mwizigira kuzoronka ubuninahazwa muri kumwe na we+. 28 Ni we tumenyekanisha, tugakebura umuntu wese kandi tukigisha umuntu wese dukoresheje ubukerebutsi bwose, kugira ngo umuntu wese tumushikirize Imana ari umuntu abushitse, yunze ubumwe na Kristu+. 29 Ni co gituma nkora cane vy’ukuri, nkihata cane mfashijwe n’inkomezi ziwe zikorera muri jewe mu buryo bukomeye+.

2 Nshaka ko mutahura ingene ndiko ndwana urugamba rukomeye ku bwanyu no ku bw’ab’i Lawodiseya+ no ku bw’abo bose batarankubita ijisho. 2 Ni ukugira ngo imitima yabo ihozwe+, bunge ubumwe neza mu rukundo+, baronke n’ubutunzi bwose buvuye ku guhera amazinda neza mu bijanye n’ugutegera kwabo, baheze bamenye neza ibanga ryeranda ry’Imana, ari ryo Kristu+. 3 Muri we ni ho itunga ryose ry’ubukerebutsi n’ubumenyi ryahishijwe neza+. 4 Ivyo ndabivuze kugira ntihagire umuntu abahendesha amajambo y’urwenge. 5 Naho tutari kumwe imbonankubone, turi kumwe ku mutima*, nkaba nezerwa no kubona ko mugendera ku rutonde rwiza+ kandi ko mwizera Kristu mushikamye+.

6 Nuko rero, nk’uko mwemeye Umukama Kristu Yezu, abe ari ko mubandanya kugenda mwunze ubumwe na we, 7 mushinze imizi muri we kandi mwubatswe muri we+, mutanyiganyiga mu kwizera+, nk’uko nyene mwigishijwe, kandi musesekara ugukenguruka+.

8 Mwiyubare ntihagire uwubagira imbohe* akoresheje ubwenge bw’iyi si* n’ivyiyumviro ata co bimaze vy’uruhendo+, ivyo bikaba ari ibintu bishingiye ku migenzo y’abantu, ku bintu vy’intango vy’isi, bidashingiye kuri Kristu. 9 Kuko muri we ari ho akameremere kose k’Imana kabonekera neza*+. 10 Biciye kuri we rero, nta na kimwe mubuze*. Ni we ari hejuru* y’intwaro zose n’ubukuru bwose+. 11 Kubera ubucuti mufitaniye na we, mwaranagenyerewe mukurwako umubiri w’inyama+ hadakoreshejwe amaboko, ni ukuvuga biciye ku kugenyerwa kujanye na Kristu+. 12 Mwahambanywe na we mw’ibatisimu yiwe+, kandi kubera ubucuti mufitaniye na we mwaranazuranywe+ biciye ku kuba mwizera ibikorwa vy’ububasha Imana ikora, imwe yamuzura mu bapfuye+.

13 Vyongeye, Imana yarabagize bazima hamwe na we, mwebwe mwari mwarapfiriye mu makosa yanyu no mu kutagenyerwa kw’umubiri wanyu+. Yaratubabariye n’umutima mwiza amakosa yacu yose+, 14 yongera ifuta* ca cete c’iminwe+ cari kigizwe n’ingingo zashinzwe+ kandi caturwanya+. Yaragikuyeho mu kugikomera imisumari ku giti co kubabarizwako*+. 15 Biciye kuri ico giti* yarambuye intwaro n’ubukuru bisigara biri amenya, ivyerekana ku mugaragaro nk’ivyatsinzwe+, ibijana nk’imbohe mu rugendo rw’intsinzi.

16 Ntihagire rero uwubacira urubanza mu bijanye n’ivyo murya be n’ivyo munywa+ canke mu bijanye no kwubahiriza imisi mikuru canke imboneko y’ukwezi+ canke isabato+. 17 Ivyo vyari igitutu c’ibizoza+, mugabo umutumba nyezina ni uwa Kristu+. 18 Ntimureke ngo umuntu ahimbarwa n’ukwicisha bugufi kw’uruhendo be n’ugusenga abamarayika abake ka gashimwe+, «yishimikiza*» ivyo yabonye. Mu vy’ukuri arivyimvya kandi ata mvo ibereye afise, abitewe n’ivyiyumviro vyiwe bigengwa n’umubiri. 19 Ntaguma afatanye neza n’umutwe+, umwe bicako ngo umubiri wose ugaburirwe, ufatanirizwe hamwe neza biciye ku ngingo zawo n’imirya*, wongere ukure biciye ku bubasha bw’Imana+.

20 Nimba mwarapfanye na Kristu ku bijanye n’ibintu vy’intango vy’isi+, kubera iki mubaho nk’aho mwoba mukiri ab’isi, mubandanya gukurikiza amategeko+ nk’aya ngo: 21 «Ntufateko, ntiwumvirizeko, ntukoreko»? 22 Ni amategeko ajanye n’ibintu bihera iyo bimaze gukoreshwa, ashingiye ku mabwirizwa n’inyigisho vy’abantu+. 23 Naho ivyo bintu womengo birimwo ubukerebutsi, ni uburyo bwo gusenga bwashizweho n’abantu, ukwicisha bugufi kw’uruhendo, n’ukwibabariza umubiri+. Nta na kimwe bifasha umuntu mu bijanye no kurwanya ivyipfuzo vy’umubiri.

3 Ariko nimba mwarazuranywe na Kristu+, nimubandanye kurondera ibintu vyo mw’ijuru, aho Kristu yicaye iburyo bw’Imana+. 2 Mugumize ubwenge ku bintu vyo mw’ijuru+, ntimubugumize ku bintu vyo kw’isi+. 3 Kuko mwapfuye, ubuzima bwanyu na bwo bukaba bwaranyegejwe hamwe na Kristu mu bumwe n’Imana. 4 Kristu we buzima bwacu+ niyerekanwa, ni ho namwe muzokwerekanwa hamwe na we mu buninahazwa+.

5 Nimwice rero ibihimba vy’umubiri wanyu+ biri kw’isi ku bijanye n’ubusambanyi*, ubuhumane, ukwirekerana mu vy’inambu y’umubiri+, ivyipfuzo bibi n’umwina, na wo akaba ari ugusenga ibigirwamana. 6 Ivyo bintu ni vyo biriko birazana uburake bw’Imana. 7 Ukwo ni ko na mwebwe mwahora mwigenza* kera mu buzima bwanyu*+. 8 Ariko ubu, mutegerezwa kuvyikunkumura vyose: uburake, ishavu, ikibi+, ugutukana+, kandi ntihagire amajambo ateye isoni+ ava mu kanwa kanyu. 9 Ntimubeshane+. Mwambure kamere* ya kera+ n’ingeso bijanye, 10 hanyuma mwambare kamere* nshasha+, imwe igirwa nshasha hisunzwe ishusho y’Uwayiremye+, biciye ku bumenyi butagira amakosa. 11 Mu bijanye na kamere nshasha, nta Bagiriki* canke Abayuda, ukugenyerwa canke ukutagenyerwa, abanyamahanga canke Abasikite*, abashumba canke abidegemvya. Ahubwo Kristu ni vyose kandi muri vyose+.

12 Nuko rero mwebwe abatowe n’Imana+ beranda kandi bakundwa, nimwambare impuhwe n’ikibabarwe+, ubuntu, ukwicisha bugufi*+, ubwitonzi+ n’ukwihangana+. 13 Mubandanye kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi+ iyo hari uwufise ico yidogera uwundi+. Nk’uko Yehova* yabababariye ata gahigihigi, namwe nyene mutegerezwa kugenza ukwo nyene+. 14 Mugabo hambavu y’ivyo vyose, mwambare urukundo+ kuko urukundo ari umugozi utagira akanenge utuma abantu bunga ubumwe+.

15 Vyongeye, amahoro ya Kristu naganze mu mitima yanyu*+, kuko ayo mahoro ari yo mwahamagariwe ngo mube umubiri umwe. Kandi mwerekane ko mushima. 16 Ijambo rya Kristu niryuzure muri mwebwe, mugire ubukerebutsi bwose. Mugume mwigishanya mwongera muremeshanya* mukoresheje amazaburi+, amajambo yo gushemeza Imana, indirimbo z’ivy’impwemu ziririmbanywe ugushima*, muririmbira Yehova* mu mitima yanyu+. 17 Ivyo mukora vyose, haba mu mvugo canke mu ngiro, vyose mubikore mw’izina ry’Umukama Yezu, mukengurukira Imana ari yo Data biciye kuri we+.

18 Yemwe bagore, nimuyobokere abagabo banyu+, nk’uko bibereye imbere y’Umukama. 19 Yemwe bagabo, nimugume mukunda abagore banyu+ kandi ntimubagirire ishavu ry’umururazi*+. 20 Yemwe bana, nimugamburukire abavyeyi banyu muri vyose+, kuko ari vyo bihimbara rwose Umukama. 21 Yemwe ba sebibondo, ntimuratse* abana banyu+ kugira ngo ntibavunike umutima*. 22 Yemwe bashumba, nimugamburukire ba shobuja bo kw’isi* muri vyose+. Ntimubigire igihe gusa babareretse, kugira gusa mushimishe abantu*, ahubwo mubigire ata buryarya mu mutima, mutinya Yehova*. 23 Ico mukora cose mugikorane umutima wanyu wose, nk’abakorera Yehova*+, atari nk’abakorera abantu, 24 kuko muzi yuko Yehova* ari we azobaha intoranwa ngo ibe impembo yanyu+. Nimukorere Shobuja Kristu nk’abashumba. 25 Uwukora ikibi ntazobura kwishurwa ikibi yakoze+, kandi nta wuzogirirwa nkunzi+.

4 Yemwe ba shebuja, nimufate abashumba banyu mu buryo bugororotse mutabarenganya, muzi yuko namwe mufise Shobuja mw’ijuru+.

2 Mushishikare gusenga+, mugume muri maso muri ivyo, hariko n’ugukenguruka+. 3 Kandi natwe mudusengere+ ngo Imana itwugururire umuryango twamamaze rya jambo, kugira ngo tumenyekanishe ibanga ryeranda ryerekeye Kristu, ari na ryo mpfunzwe nzira+, 4 no kugira ngo ndarimenyekanishe mu buryo butomoye nk’uko mbwirizwa kubigira.

5 Mubandanye kugendana ubukerebutsi ku bo hanze y’ishengero, mukoresha neza umwanya wanyu*+. 6 Amajambo muvuga yamane igikundiro, arunze umunyu+, kugira ngo mumenye ingene mukwiye kwishura umuntu wese+.

7 Tikiko+ umuvukanyi nkunda cane akaba n’umusuku w’umwizigirwa be n’umushumba mugenzanje mu Mukama, azobabwira amakuru yanje yose. 8 Ndamubarungikiye kugira ngo mumenye amakuru yacu no kugira ngo ahoze imitima yanyu. 9 Azananye na Onezime+, umuvukanyi wanje w’umwizigirwa kandi nkunda cane ava iwanyu. Bazobabwira uko ivy’ino vyose vyifashe.

10 Arisitariko+ imbohe mugenzanje arabaramutsa, na Mariko+ incuti ya Barunaba (uwo mwasabwe guha ikaze+ aramutse aje iwanyu), 11 na Yezu ari we Yusito, abo bakaba ari abo mu bagenyerewe. Abo gusa ni bo dukorana mu gushigikira Ubwami bw’Imana, kandi barampojeje cane*. 12 Epafura+, umushumba wa Kristu Yezu ava iwanyu, arabaramutsa. Yama yihatira kubasengera kugira ngo amaherezo muhagarare muri abantu babushitse kandi bajijutse rwose ku bijanye n’ivyo Imana igomba vyose. 13 Ndamushingira intahe yuko yita ku rutare ku bwanyu no ku bw’ab’i Lawodiseya no ku bw’ab’i Hiyerapoli.

14 Luka+ umuganga mukundwa arabaramutsa, na Dema+ arabaramutsa. 15 Mundamukirize abavukanyi b’i Lawodiseya na mushiki wacu Nimfa be n’ishengero risengera mu nzu iwe+. 16 Kandi iri kete niryamara gusomwa iwanyu, muzoce mutunganya ivy’uko risomwa+ no mw’ishengero ry’Abanyalawodiseya, namwe musome iry’i Lawodiseya. 17 Vyongeye mubwire Arikipo+ muti: «Guma witwararika igikorwa c’Umukama wemeye gushingwa, kugira ugishitse.»

18 Ng’iyi indamutso yanje jewe Pawulo nanditse n’ukuboko kwanje+. Mugume mwibuka umunyororo ndimwo+. Ubuntu buhebuje* bubane namwe.

Raba Insiguro y’amajambo.

Mu kigiriki havuga ngo «mu mpwemu.»

Canke «mwogira ubumenyi butagira amakosa bwerekeye.»

Raba Inyongera ya A5.

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «ikirabagu.»

Canke «ibanga ryo kuyobora (guhagarikira).»

Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).

Mu kigiriki havuga ngo «no mu mayaruka ya kera.»

Canke «mu mpwemu.»

Canke «uwubigarurira nk’isahu.»

Canke «filozofiya.»

Mu kigiriki havuga ngo «kaba, kagafata imero.»

Canke «mwararonse ukwuzura.»

Mu kigiriki havuga ngo «ni we mutwe.»

Canke «ikuraho.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Hashobora kandi kuvugwa ngo «biciye kuri we.»

Ni ijambo ryakoreshwa mu migirwa y’abapagani y’ibintu nsigabwenge.

Canke «imitsi.»

Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «mugenda.»

Canke «mukibaho gutyo.»

Mu kigiriki havuga ngo «umuntu.»

Mu kigiriki havuga ngo «umuntu.»

Biboneka ko ari abantu batari Abayuda, bavuga ikigiriki.

Iryo zina ryakoreshwa ku bantu basizwe n’amajambere.

Canke «ukwiyorosha mu muzirikanyi.»

Raba Inyongera ya A5.

Canke «nahagarikire imitima yanyu.»

Canke «mukeburana.»

Canke «igikundiro.»

Raba Inyongera ya A5.

Canke «ntimubakarire.»

Canke «ntimusomborotse», «ntimushavuze.»

Canke «ntibacike intege.»

Canke «bo mu buryo bw’umubiri.»

Mu kigiriki havuga ngo «ntimukorere ijisho nk’abashimisha abantu.»

Raba Inyongera ya A5.

Raba Inyongera ya A5.

Raba Inyongera ya A5.

Mu kigiriki havuga ngo «mugura umwanya washinzwe.»

Canke «bambereye imfashanyo ikomeza.»

Raba Insiguro y’amajambo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika