IKETE RYANDIKIWE ABANYEFESO
1 Jewe Pawulo, intumwa ya Kristu Yezu biciye kw’igomba ry’Imana, ndabandikiye mwebwe aberanda bari i Efeso+ mukaba n’abizigirwa bunze ubumwe na Kristu Yezu.
2 Ubuntu buhebuje* n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mukama Yezu Kristu bibane namwe.
3 Hashemezwe Imana yo Se w’Umukama wacu Yezu Kristu, kuko yaduhezagije imihezagiro yo mu vy’impwemu y’ubwoko bwose, iyiduhera mu bibanza vyo mw’ijuru kubera twunze ubumwe na Kristu+. 4 Yadutoye ngo twunge ubumwe na we* imbere y’uko isi ishingwa, kugira tube beranda, tutagira akanenge*+ imbere yayo mu rukundo. 5 Kuko yatugenye imbere y’igihe+ ngo tube abana bayo+ biciye kuri Yezu Kristu. Yabigize kubera biyihimbara kandi bihuye n’ivyo igomba+, 6 ngo hashemezwe ubuntu bwayo buhebuje+ yatugiriye n’umutima ukunze biciye ku Mwana wayo ikunda cane+. 7 Kubera uwo Mwana wayo turabohorwa, tugacungurwa biciye ku maraso yiwe+, emwe tukababarirwa amakosa yacu+, kubera ubuntu buhebuje bw’Imana bwinshi.
8 Ubwo buntu buhebuje Imana yarabutugiriye ku bwinshi mu kuduha ubukerebutsi bwose n’ugutahura kwose, 9 itumenyesha rya banga ryeranda+ rihuye n’ivyo igomba. Iryo banga rirahuye n’ibiyihimbara. Kubera ko vyayihimbaye, ubwayo yariyemeje 10 gushiraho uburyo bwo kuyobora ibintu* ibihe vyashinzwe bimaze gukwira*, ngo ikoranirize hamwe ibintu vyose muri Kristu, ivyo mw’ijuru n’ivyo kw’isi+. Egome, ibikoraniriza muri Kristu, 11 tukaba twunze ubumwe na we kandi tukaba twatowe ngo tube ba samuragwa kumwe na we+, kuko twagenywe imbere y’igihe hisunzwe intumbero y’umwe ashitsa vyose nk’uko bimuhimbara yisunze ivyo agomba. 12 Kwari ukugira ngo twebwe ababaye aba mbere mu kwizigira Kristu dutume Imana ishemezwa yongere ininahazwe. 13 Mugabo na mwebwe mwaramwizigiye aho mumariye kwumva rya jambo ry’ukuri, ya nkuru nziza yerekeye ubukiriro bwanyu. Aho mumariye kwemera, mwarashizweko ikidodo+ biciye kuri we, ikidodo ca ya mpwemu nyeranda yari yarasezeranywe. 14 Iyo mpwemu ni icemeza twahawe imbere y’igihe* c’intoranwa yacu+, kugira ngo abantu begukira* Imana+ babohorwe biciye ku ncungu+, bitume Imana ininahazwa yongere ishemezwe.
15 Ni co gituma na jewe, kuva aho numviye ko mwizera Umukama Yezu nkumva n’urukundo mugaragariza aberanda bose, 16 ntigera ndeka gushimira Imana ku bwanyu. Nguma ndabashira mu masengesho yanje 17 kugira ngo ya Mana y’Umukama wacu Yezu Kristu, ikaba na Data w’ubuninahazwa, ibahe impwemu y’ubukerebutsi n’impwemu y’uguhishurirwa uko muyimenya neza+. 18 Yaramurikiye amaso y’umutima wanyu kugira ngo mumenye icizigiro yabahamagariye, mumenye ubutunzi bw’agatangaza ibikiye aberanda ngo bubabere intoranwa+, 19 mumenye n’ukuntu ububasha bwayo bukorera muri twebwe abemera+ buhambaye bimwe bihebuje. Ubwo bubasha bwayo buhambaye buribonekeza mu kuntu yakoresheje inkomezi zayo nyinshi 20 ku bijanye na Kristu igihe yamuzura mu bapfuye ikamwicarika iburyo bwayo+ mu bibanza vyo mw’ijuru. 21 Yamushize hejuru cane y’intwaro zose n’ubukuru bwose n’ububasha bwose n’ubutware bwose n’amazina yose akomeye+. Kandi si muri iki gihe* gusa, ariko no mu gihe kizoza. 22 Yashize kandi ibintu vyose munsi y’ibirenge vyiwe ngo abiganze+, yongera imugira umukuru* ku bintu vyose bijanye n’ishengero+, 23 ari ryo mubiri wiwe+, rikaba ryuzuye ibintu vyose bimwerekeye. Ni we yuzura vyose muri bose.
2 Vyongeye, Imana yarabagize bazima mwebwe mwari mwarapfiriye mu makosa yanyu n’ibicumuro vyanyu+, 2 ivyo mwagenderamwo kera mwisunga ibintu vy’iyi si*+. Mwisunga kandi umutware afise ububasha ku kirere+, ni ukuvuga impwemu+ ikorera mu bantu bagambarara. 3 Emwe, twese twahora tugendera muri bo kera duhuza n’ivyipfuzo vy’umubiri wacu+, tugakora ivyo umubiri ugomba be n’ibihuye n’ivyiyumviro vyacu+. Kandi twari dukwiriye uburake bw’Imana kuva tukivuka+, cokimwe n’abandi bose. 4 Mugabo Imana, kubera ko ifise imbabazi nyinshi+, urukundo rwinshi yadukunze+ rwatumye 5 itugira bazima hamwe na Kristu, n’igihe nyene twari twarapfiriye mu makosa yacu+. Biciye ku buntu bwayo buhebuje* mwarakijijwe. 6 Vyongeye, yaratuzuye hamwe na Kristu Yezu, itwicarika hamwe na we mu bibanza vyo mw’ijuru, twunze ubumwe na we+, 7 kugira ngo mu bihe* bizoza ize itugirire ubuntu buhebuje bwinshi, twebwe abunze ubumwe na Kristu Yezu, ibitumwe n’ukumera neza kwayo.
8 Kubera ubwo buntu buhebuje mwarakijijwe biciye ku kwizera+, kandi ivyo ntibiva kuri mwebwe, ahubwo ni ingabire y’Imana. 9 Oya, ntibiva ku bikorwa+, kugira ngo ntihagire n’umwe aronka imvo zo kwirata. 10 Turi igikorwa c’amaboko y’Imana, kandi twaremwe+ mu bumwe na Kristu Yezu+ kugira dukore ibikorwa vyiza, ivyo Imana yaduteguriye imbere y’igihe ngo tubishitse*.
11 Mwibuke rero yuko mwebwe abanyamahanga ku mubiri, mwigeze kuba mwitwa «abatagenyerewe*» muvyiswe n’abitwa «abagenyerewe», bakaba bagenyerewe ku mubiri hakoreshejwe amaboko y’abantu. 12 Ico gihe ntimwari mufise Kristu, mwari kure cane y’ihanga rya Isirayeli, kandi kubera mwari abanyamahanga ntimwari mu bagize amasezerano ajanye n’umuhango+. Nta cizigiro mwari mufise, kandi nta Mana mwagira mw’isi+. 13 Mugabo ubu ko mwunze ubumwe na Kristu Yezu, mwebwe mwigeze kuba muri kure cane mwarigiye hafi biciye ku maraso ya Kristu. 14 Kuko ari we mahoro yacu+, we yatumye ya migwi ibiri iba umugwi umwe+, agasenyura ca gihome cayitandukanya+. 15 Biciye ku mubiri wiwe yarakuyeho icatuma haba urwanko, ni ukuvuga ya mategeko* agizwe n’amabwirizwa be n’ingingo zashinzwe, kugira ngo ya migwi ibiri yunze ubumwe na we ayihinduremwo umuntu umwe+ mushasha, atume haba amahoro. 16 Yabigize kandi kugira ngo iyo migwi yompi igize umubiri umwe isubize hamwe n’Imana bimwe vyuzuye, biciye kuri ca giti co kubabarizwako*+, kubera ko yari yishe icatuma haba urwanko+ biciye ku mubiri wiwe. 17 Kandi yaraje amenyesha inkuru nziza y’amahoro mwebwe mwari kure cane n’abari hafi, 18 kubera ko biciye kuri we, twebwe abagize ya migwi ibiri dushobora kwegera Data ata kidutangira, biciye ku mpwemu imwe.
19 Ntimukiri rero ab’ahandi canke abanyamahanga+, ahubwo musangiye ubwenegihugu+ n’aberanda, mukaba n’abo mu rugo rw’Imana+, 20 kandi mwubatswe ku mushinge w’intumwa n’abahanuzi+, Kristu Yezu ubwiwe akaba ari ibuye ry’umushinge rigumya imfuruka+. 21 Iyo nyubakwa yose uko yakabaye yunze ubumwe na we, ibiyigize vyose bikaba bifatanirijwe hamwe neza+. Iyo nyubakwa irakura ikaba urusengero rweranda rwa Yehova*+. 22 Na mwebwe nyene abunze ubumwe na we, muriko murubakirwa hamwe ngo muhinduke ahantu Imana iba biciye ku mpwemu+.
3 Ku bw’ivyo, jewe Pawulo, imbohe+ ya Kristu Yezu ku bwanyu mwebwe abanyamahanga . . . 2 ngira ngo mwarumvise ivyerekeye ibanga* najejwe+ ku neza yanyu ry’ubuntu buhebuje* bw’Imana, 3 yuko biciye ku guhishurirwa, namenyeshejwe ibanga ryeranda, nk’uko navyanditse muri make imbere y’aha. 4 Ibi rero nimwabisoma muraza kwibonera ko ntahura ibanga ryeranda+ rya Kristu. 5 Mu bihe vya kera*, iryo banga ntiryamenyeshejwe abana b’abantu nk’uko ubu ryahishuriwe intumwa nyeranda z’Imana n’abahanuzi bayo, biciye ku mpwemu+. 6 Iryo banga ni iry’uko abanyamahanga bobaye ba samuragwa cokimwe natwe, na bo bakaba ibihimba vy’umubiri umwe+ be n’abasangira natwe wa muhango, mu bumwe na Kristu Yezu biciye ku nkuru nziza. 7 Nabaye umusuku w’ivyo hisunzwe ya ngabire ya gusa y’ubuntu buhebuje bw’Imana nahawe biciye ku gikorwa c’ububasha bwayo+.
8 Jewe umuntu ari hasi kuruta uwo hasi mu beranda bose+, narahawe ubwo buntu buhebuje+, kugira menyeshe amahanga inkuru nziza yerekeye imihezagiro y’akaburarugero ya Kristu 9 no kugira ngo mfashe umuntu wese kubona ingene ibijanye n’ibanga ryeranda biyoborwa+. Iryo banga ryamaze igihe kirekire rinyegejwe n’Imana, yo yaremye ibintu vyose. 10 Ivyo vyabaye kugira ngo ubu, biciye kw’ishengero+, ubukerebutsi bw’Imana bwigaragaza mu buryo bwinshi cane, bumenyeshwe intwaro n’ubukuru biri mu bibanza vyo mw’ijuru+. 11 Ivyo birahuye n’umugambi w’ibihe bidahera yatunganije ku bijanye na Kristu+, ari we Yezu Umukama wacu. 12 Biciye kuri we turavugana umwidegemvyo kandi turashobora kwegera Imana ata kidutangira+, umutima uri mu nda kubera ko tumwizera. 13 Ndabasavye rero ntimucike intege kubera amakuba ndimwo ku bwanyu, kuko asobanura ubuninahazwa kuri mwebwe+.
14 Ku bw’ivyo, ndapfukamira Data, 15 umwe imiryango yose mw’ijuru no kw’isi ikesha izina ryayo. 16 Nsenga Imana yo ifise ubuninahazwa bwinshi ngo ikoreshe ububasha impwemu yayo itanga kugira itume mukomera mu mutima*+. 17 Nsenga kandi ngo biciye ku kwizera kwanyu, Kristu abe mu mitima yanyu mu rukundo+. Ese mwoshinga imizi+ mukaba n’abafashe ku mushinge+, 18 ngo mwe n’aberanda bose mushobore vy’ukuri gutahura bimwe bishitse ubwaguke n’uburebure bw’amakika, ubw’amahagarara n’ubw’amajepfo, 19 no kumenya urukundo rwa Kristu+ rurengeye ubumenyi, kugira ngo muronke ku bwinshi* umusesekara Imana itanga.
20 Umwe rero ashobora gukora ibirenze, birengeye kure n’iyo ivyo dusaba vyose canke twiyumvira+, biciye ku bubasha bwiwe buriko bukorera muri twebwe+, 21 naninahazwe biciye kw’ishengero no kuri Kristu Yezu imyaka yose* gushika ibihe bidahera. Amen.
4 Jewe rero imbohe+ mu Mukama, ndabinginga ngo mwigenze nk’uko bibereye+ ihamagarwa mwahamagawe, 2 mwihanganirana mu rukundo+ mubigiranye ukwicisha bugufi*+, ubwitonzi n’ukwigumya+, 3 mwihatira n’umwete kuzigama ubumwe bw’impwemu mu mugozi w’amahoro wunga ubumwe+. 4 Hari umubiri umwe+ n’impwemu imwe+, nk’uko nyene hari icizigiro+ kimwe mwahamagariwe. 5 Hari Umukama umwe+, ukwizera kumwe, ibatisimu imwe, 6 n’Imana imwe ikaba na Se wa bose. Iri hejuru ya bose, igakora biciye kuri bose kandi igakorera muri bose.
7 Umwe wese muri twebwe rero yaragiriwe ubuntu buhebuje* hisunzwe urugero rw’iyo ngabire ya gusa Kristu yamuhaye+. 8 Kuko icanditswe kivuga giti: «Igihe yaduga iyo hejuru, yagiye ajanye imbohe. Yatanze ingabire zigizwe n’abagabo+.» 9 None iryo jambo ngo «igihe yaduga» risobanura iki? Risobanura ko yanamanutse mu turere two hasi, ni ukuvuga kw’isi. 10 Uwo nyene yamanutse ni we kandi yaduze+ kure hejuru y’amajuru yose+, kugira atume ibintu vyose vyuzura.
11 Kandi bamwe yabatanze ngo babe intumwa+, abandi ngo babe abahanuzi+, abandi ngo babe abamamaza injili*+, abandi ngo babe abungere n’abigisha+. 12 Yabatanze kugira babogore* aberanda, kugira bakorere abandi, no kugira bubake umubiri wa Kristu+, 13 kugeza twese twunze ubumwe mu kwizera no mu bumenyi butagira amakosa bwerekeye Umwana w’Imana, tugashika ku rugero rw’umugabo akuze*+, tukaba abantu bahumuye mu buryo bwuzuye nka Kristu. 14 Ntidusubire rero kuba abana, tuzungazunga nk’abazungazungishwa n’imipfunda tukajanwa irya n’ino n’umuyaga uwo ari wo wose w’inyigisho+ biciye ku mayeri y’abantu, biciye ku rwenge rukoreshwa mu migambi y’uruhendo. 15 Mugabo mu kuvuga ukuri, nimuze dukure mu bintu vyose twisunze urukundo, dukurire muri umwe ari umutwe, ni ukuvuga Kristu+. 16 Bivuye kuri we umubiri wose+ urafatanirijwe hamwe neza, kandi ukorera hamwe biciye ku ngingo zose zitanga ibikenewe. Igihe igihimba kimwe cose gikora neza bica bituma umubiri ukura, uko wiyubaka mu rukundo+.
17 Iki rero ni co mvuga kandi nkabahimiriza nshimitse mu Mukama: ntimubandanye kwigenza* nk’uko n’abanyamahanga bigenza+, bisunga ibintu ata co bimaze* vyo mu bwenge bwabo+. 18 Mu bwenge bwabo bari mu mwiza, kandi bari kure cane y’ubuzima buva ku Mana, kubera ukutamenya kwabo, kubera ugukomantara* kw’imitima yabo. 19 Kubera yuko babaye ibiti, bihebeye inyifato iteye isoni kandi y’akagagazo*+ kugira bakore ibintu bihumanye vy’ubwoko bwose badahera ipfa*.
20 Mugabo mwebwe ntimwize ko Kristu ari uko ameze, 21 nimba vy’ukuri mwaramwumvise kandi mukigishwa biciye kuri we, mu buryo buhuye n’ukuri kuri muri Yezu. 22 Mwarigishijwe kwambura kamere* ya kera+ ihuye n’ingeso zanyu za kera, kandi yononwa n’ivyipfuzo vyayo bihendana+. 23 Mukwiye kandi kubandanya mugirwa bashasha mu buryo mwiyumvira*+, 24 mukambara kamere* nshasha+ yaremwe hisunzwe ivyo Imana igomba, ihuye n’ubugororotsi bw’ukuri n’ukudahemuka kw’ukuri.
25 Ku bw’ivyo, ubu ko mwiyambuye ibinyoma, umwe wese muri mwebwe navugane ukuri na mugenziwe+, kuko turi ibihimba vyegukira bagenzi bacu+. 26 Nimwaraka, ntibice bituma mucumura+. Izuba ntirirenge mugishavuye+. 27 Ntimuhe akaryo* Shetani*+. 28 Uwiba ntiyongere kwiba, ahubwo nakore cane, akoreshe amaboko yiwe igikorwa ciza+, kugira aronke ico afashisha uwuri n’ivyo akenye+. 29 Ntihagire ijambo riboze riva mu kanwa kanyu+, ahubwo havemwo gusa ijambo ryiza ryo kwubaka abandi bivanye n’ibikenewe, kugira ngo rigirire akamaro abaryumva+. 30 Vyongeye, ntimutuntuze* impwemu nyeranda y’Imana+, iyo Imana yakoresheje mu kubashirako ikidodo+ ku bw’umusi w’ukubohorwa biciye ku ncungu+.
31 Mwamirire kure inzigo*+ yose, ishavu, uburake, ugukankama, ugutukana+ n’ibintu vyose bibabaza abandi+. 32 Mugabo mugirire neza bagenzi banyu, mugire impuhwe zuzuye ikibabarwe+, mubabarirane ata gahigihigi nk’uko n’Imana yabababariye ata gahigihigi+ biciye kuri Kristu.
5 Nimwigane Imana+ rero nk’abana ikunda cane, 2 kandi mubandanye kugendera mu rukundo+, nk’uko na Kristu yadukunze+ akatwigura*, akaba ishikanwa n’ikimazi, akamoto keza ku Mana+.
3 Ubusambanyi* n’ubuhumane bw’ubwoko bwose canke umwina, no kuvugwa ntibikavugwe muri mwebwe+, nk’uko bibereye abantu beranda+. 4 Ntihakabe n’ingeso ziteye isoni canke ibiyago vy’ubupfu canke ibijajuro biteye isoni+, kuko ari ibintu bitabereye, ahubwo habe ugukenguruka+. 5 Kuko ibi mubizi kandi mukavyiyemerera: nta musambanyi*+ canke umuntu ahumanye canke umunyamunoho+, ni ukuvuga uwusenga ibigirwamana, azogira ico atorana mu Bwami bwa Kristu n’Imana+.
6 Ntihagire umuntu abahendesha amajambo agaragara, kuko ivyo bintu ari vyo bituma uburake bw’Imana buza ku bantu bagambarara. 7 Nuko rero ntimukore nka bo*, 8 kubera ko kera mwari umwiza, mugabo ubu mukaba muri umuco+ mu bijanye n’Umukama+. Mubandanye kwigenza nk’abana b’umuco, 9 kuko ivyamwa vy’umuco bigizwe n’ubwoko bwose bw’ukumera neza n’ubugororotsi n’ukuri+. 10 Mugume musuzuma neza ivyo Umukama yemera+, 11 kandi mureke gukora ibikorwa vy’umwiza+ ata co bimaze, ahubwo nyabuna mushire ahabona ububi bwavyo. 12 Kuko ivyo bakorera mu mpisho biteye isoni ku buryo ata n’uwobicisha mu kanwa. 13 Ibintu vyose bishirwa ahabona* rero biraboneka kubera umuco, kuko ikintu cose gishizwe ahabona gica kiba umuco. 14 Ni co gituma handitswe ngo: «Ikangure wewe usinziriye, uzuke uve mu bapfuye+, Kristu aheze akurasire umuco+.»
15 Nuko rero mugume muraba neza ukuntu mwigenza*, ntimwigenze nk’abatagira ubukerebutsi ahubwo mwigenze nk’abantu b’inkerebutsi, 16 mukoresha neza umwanya wanyu*+, kubera ko imisi ari mibi. 17 Mureke rero kuba imburabwenge, ahubwo mubandanye gutahura ivyo Yehova* agomba ivyo ari vyo+. 18 Vyongeye, ntimuborerwe umuvinyu+ kuko ujana ku buhumbu*, ahubwo mugume mwuzuzwa impwemu. 19 Mubwirane* amazaburi, amajambo yo gushemeza Imana, muririmbe n’indirimbo z’ivy’impwemu. Muririmbire+ Yehova* mwongera mujanisha n’umuziki+ mu mitima yanyu+. 20 Muri vyose mwame mukengurukira+ Imana yacu ikaba na Data, mubigire mw’izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu+.
21 Umwe wese muri mwebwe nayobokere mugenziwe+ kubera mutinya Kristu. 22 Abagore bayobokere abagabo babo+ nk’uko bayobokera Umukama, 23 kubera ko umugabo ari we agaba* umugore wiwe+, nk’uko na Kristu agaba* ishengero+, ari ryo mubiri wiwe, akaba umukiza waryo. 24 Nkako, nk’uko ishengero riyobokera Kristu, ni ko n’abagore bakwiye kuyobokera abagabo babo muri vyose. 25 Bagabo, mubandanye gukunda abagore banyu+ nk’uko na Kristu yakunze ishengero akaryigura+, 26 kugira ngo aryeze, aryuhagize amazi biciye kuri rya jambo+. 27 Yabigize kugira ngo ishengero arizane imbere yiwe riri mu bwiza bwakaka, ritagira agatosi canke umunkanyari canke ikintu na kimwe muri ivyo+, ahubwo ari ryeranda kandi ritagira akanenge*+.
28 Ukwo ni ko n’abagabo bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite. Umugabo akunda umugore wiwe aba yikunda, 29 kuko ata muntu yigeze kwanka umubiri wiwe bwite. Ahubwo arawugaburira, akawubungabungana urukundo, nk’uko na Kristu agirira ishengero, 30 kubera ko turi ibihimba vy’umubiri wiwe+. 31 «Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina, akabana n’umugore wiwe akaramata*, kandi abo babiri bazoba umubiri umwe+.» 32 Iryo banga ryeranda+ rirakomeye. Aho ndiko mvuga ibijanye na Kristu be n’ishengero+. 33 Yamara rero, umwe wese muri mwebwe ategerezwa gukunda umugore wiwe+ nk’uko yikunda. Umugore na we ategerezwa kwubaha cane umugabo wiwe+.
6 Bana, nimugamburukire abavyeyi banyu+ nk’uko Umukama abigomba, kuko ari vyo bigororotse. 2 «Tera iteka so wawe na nyoko wawe+.» Iryo ni ryo tegeko rya mbere riri kumwe n’umuhango ugira uti: 3 «Kugira ngo bikugendere neza*, ubone kurambira kw’isi.» 4 Namwe ba sebibondo, ntimutere ishavu abana banyu+, ahubwo mubandanye kubarera mu kubatoza indero+ mwongera mubakebura* nk’uko Yehova* yashinze+.
5 Yemwe bashumba, nimugamburukire ba shobuja+ bo kw’isi* nk’abagamburukira Kristu, mutinya kandi mujugumira, ata buryarya mufise mu mitima yanyu. 6 Ntimubigire igihe gusa babareretse, kugira gusa mushimishe abantu*+, ahubwo mubigire nk’abashumba ba Kristu, mukora ivyo Imana igomba n’umutima wanyu wose+. 7 Mube abashumba bakorana agatima keza, nk’abakorera Yehova*+, atari nk’abakorera abantu, 8 kuko muzi yuko iciza cose umuntu akora azocishurwa na Yehova*+, yaba ari umushumba canke yidegemvya. 9 Namwe ba shebuja, mugume mubafata nk’ukwo nyene, mutabatera ubwoba, kuko muzi yuko Shebuja wabo akaba n’uwanyu ari mw’ijuru+, kandi ntagira nkunzi.
10 Ubwa nyuma, mubandanye kwironsa ububasha+ mu Mukama no mu bushobozi bw’inkomezi ziwe. 11 Mwambare umwambaro ukwiye w’ibirwanisho+ biva ku Mana kugira ngo mushobore guhagarara mushikamye murwanye amayeri* ya Shetani*. 12 Kuko turi mu ntambara*+, ariko ntiturwana n’abantu b’inyama n’amaraso, ahubwo turwana n’intwaro, n’ubukuru, n’abatware b’iyi si y’umwiza, n’impwemu mbi zifise ububasha+ ziri mu bibanza vyo mw’ijuru. 13 Ku bw’ivyo, nimwambare umwambaro ukwiye w’ibirwanisho biva ku Mana+, kugira ngo mushobore kwirwanako kuri wa musi mubi, kandi nimwamara gukora vyose, muhagarare mushikamye.
14 Muhagarare mushikamye rero, mukenyeye* umukaba w’ukuri+, mwambaye ubugororotsi nk’igikingira igikiriza+, 15 ku birenge vyanyu na ho mwambaye ibirato, mwiteguriye kumenyekanisha inkuru nziza y’amahoro+. 16 Hambavu y’ivyo vyose, mutore inkinzo yagutse y’ukwizera+ izobashoboza kuzimya imyampi* yose yaka umuriro ya wa mubisha+. 17 Vyongeye, mwakire inkofero y’ubukiriro+ n’inkota y’impwemu, ari ryo jambo ry’Imana+. 18 Ivyo mubigire mubandanya no gusenga mukoresheje ubwoko bwose bw’amasengesho+ n’intakambo igihe cose mu mpwemu+. Ku bw’ivyo, mugume murikanuye, mutakamba igihe cose ku bw’aberanda bose. 19 Na jewe munsengere kugira ngo ndonke amajambo abereye iyo nteranuye akanwa, nshobore kuvugana ubutinyutsi igihe menyekanisha ibanga ryeranda ry’inkuru nziza+ 20 mbereye umuserukizi+ mu minyororo, no kugira ngo nshobore kuvuga iyo nkuru nziza mfise ubutinyutsi, nk’uko mbwirizwa kuyivuga.
21 Kugira ngo rero namwe mumenye ukuntu merewe n’ivyo ndimwo, umuvukanyi mukundwa Tikiko+ akaba n’umusuku w’umwizigirwa mu Mukama, azobamenyesha vyose+. 22 Ico nyene ni co gitumye ndamubarungikira: kugira ngo mumenye amakuru yacu no kugira ngo ahoze imitima yanyu.
23 Ese abavukanyi bogira amahoro n’urukundo hamwe n’ukwizera biva ku Mana ari yo Data no ku Mukama Yezu Kristu. 24 Ubuntu buhebuje* bubane n’abo bose bakunda Umukama wacu Yezu Kristu urukundo rudatituka.
Raba Insiguro y’amajambo.
Ni ukuvuga Kristu.
Canke «ikirabagu.»
Canke «gushiraho ubuyobozi.»
Mu kigiriki havuga ngo «kwuzura.»
Canke «avanse», «ingwati y’ibizoza.»
Mu kigiriki havuga ngo «ikintu cegukira.»
Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).
Mu kigiriki havuga ngo «umutwe.»
Canke «ingendo y’iyi si.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).
Mu kigiriki havuga ngo «tubigenderemwo.»
Kugenyera hari abavyita «gusiramura», canke «gukebwa.» Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).
Ni ukuvuga amategeko ya Musa.
Raba Insiguro y’amajambo.
Raba Inyongera ya A5.
Canke «ibanga ryo kuyobora (guhagarikira).»
Raba Insiguro y’amajambo.
Mu kigiriki havuga ngo «mu yandi mayaruka.»
Mu kigiriki havuga ngo «mu muntu muri imbere.»
Mu kigiriki havuga ngo «mwuzure.»
Mu kigiriki havuga ngo «mu mayaruka yose.»
Canke «ukwiyorosha mu muzirikanyi.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «inkuru nziza.»
Canke «bigishe.»
Canke «ahumuye.»
Mu kigiriki havuga ngo «kugenda.»
Canke «bigaragara», «vy’ubusa.»
Canke «ukutumva.»
Mu kigiriki ni aselgeia. Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «babigiranye umunoho.»
Mu kigiriki havuga ngo «umuntu.»
Canke «mu nguvu zikoresha umuzirikanyi wanyu.» Mu kigiriki havuga ngo «mu mpwemu y’umuzirikanyi wanyu.»
Mu kigiriki havuga ngo «umuntu.»
Canke «ikibanza.»
Mu kigiriki havuga ngo «wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).
Canke «ntimutere agahinda.»
Canke «umururazi mubi.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «yabakunze akabigura.»
Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.
Raba Insiguro y’amajambo (Ubusambanyi).
Canke «ntimwifatanye na bo.»
Canke «bikangirwa.»
Mu kigiriki havuga ngo «mugenda.»
Mu kigiriki havuga ngo «mugura umwanya washinzwe.»
Raba Inyongera ya A5.
Canke «utuma umuntu aba uwudashoboka.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «mwibwire.»
Raba Inyongera ya A5.
Mu kigiriki havuga ngo «ari we mutwe.»
Mu kigiriki havuga ngo «ari umutwe.»
Canke «ikirabagu.»
Canke «akagumana n’umugore wiwe.» Raba akajambo k’epfo mu It 2:24.
Canke «uroranirwe.»
Canke «mubigisha», «mubayobora.» Mu kigiriki havuga ngo «mubashiramwo ubwenge.»
Raba Inyongera ya A5.
Canke «bo mu buryo bw’umubiri.»
Mu kigiriki havuga ngo «ntimukorere ijisho nk’abashimisha abantu.»
Raba Inyongera ya A5.
Raba Inyongera ya A5.
Canke «imigambi.»
Mu kigiriki havuga ngo «ya wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).
Mu kigiriki havuga ngo «dufise intambara yo kunigana.»
Mu kigiriki havuga ngo «mukenyeye mu kiyunguyungu.»
Canke «ibirwanisho batera.»
Raba Insiguro y’amajambo.