ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • nwt Abagalatiya 1:1-6:18
  • Abagalatiya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abagalatiya
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Abagalatiya

IKETE RYANDIKIWE ABAGALATIYA

1 Jewe Pawulo, uwabaye intumwa bitavuye ku bantu canke ngo bice ku muntu, ariko biciye kuri Yezu Kristu+ no ku Mana ari yo Data+, yo yamuzuye mu bapfuye, 2 hamwe n’abavukanyi bose turi kumwe, turabandikiye mwebwe amashengero y’i Galatiya.

3 Ubuntu buhebuje* n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mukama Yezu Kristu bibane namwe. 4 Yaritanze kubera ibicumuro vyacu+ kugira adukize ivy’iyi si mbi*+, hisunzwe igomba ry’Imana yacu ikaba na Data+. 5 Nininahazwe gushika ibihe bidahera. Amen.

6 Ndatangara kuba muriko murava* ningoga kuri Umwe yabahamagara biciye ku buntu buhebuje bwa Kristu, mukemera inkuru nziza y’ubundi bwoko+. 7 Si uko hari ubundi bwoko bw’inkuru nziza, ahubwo ni uko hari abantu bamwebamwe bariko barabadurumbanya+ kandi bagashaka kugoramika inkuru nziza yerekeye Kristu. 8 Ariko naho hogira uwo muri twebwe canke umumarayika avuye mw’ijuru, abamenyesha inkuru nziza itandukanye n’iyo twabamenyesheje, arakavumwa. 9 Nk’uko duhejeje kubivuga, n’ubu ndabisubiyemwo: uwo wese abamenyesha inkuru nziza itandukanye n’iyo mwemeye, arakavumwa.

10 Mbega none, ndiko ndagerageza gushimwa n’abantu canke gushimwa n’Imana? Canke ndiko ndondera kunezereza abantu? Iyo mba nkinezereza abantu, sinoba ndi umushumba wa Kristu. 11 Bavukanyi, nipfuza ko mumenya yuko inkuru nziza nabamenyesheje idakomoka ku bantu+, 12 kuko ntayironse ivuye ku muntu canke ngo ndayigishwe, ahubwo nayironse ndayihishuriwe na Yezu Kristu.

13 Emwe mwarumvise inyifato nari mfise nkiri mw’idini ry’Abayuda+, yuko naguma mpama cane* ishengero ry’Imana nkongera nkaritikiza+. 14 Naguma ntera imbere mw’idini ry’Abayuda kurusha benshi mu bo twanganya imyaka mw’ihanga ryacu, kuko nabarusha umwete cane mu bijanye no kwubahiriza imigenzo ya ba sogokuru+. 15 Mugabo Imana, imwe yankura mu nda ya mama ikongera ikampamagara biciye ku buntu bwayo buhebuje+, igihe yiyumvira ko ari vyiza 16 guhishura Umwana wayo biciye kuri jewe kugira ngo menyeshe amahanga inkuru nziza imwerekeye+, nta muntu n’umwe* naciye ngisha inama. 17 Eka mbere sinaduze i Yeruzalemu ku babaye intumwa imbere yanje, ahubwo naciye nja muri Arabiya hanyuma ngaruka i Damasiko+.

18 Inyuma y’imyaka itatu, naraduze i Yeruzalemu+ kuraba Kefa*+ maze tumarana imisi 15. 19 Ariko mu ntumwa nta wundi nabonye atari Yakobo+ mwenewabo n’Umukama. 20 Nayo ku vyo ndabandikiye, ndababwije ukuri imbere y’Imana yuko ntariko ndabesha.

21 Inyuma y’ivyo, naragiye mu ntara z’i Siriya n’i Silisiya+. 22 Ariko amashengero y’i Yudaya yari yunze ubumwe na Kristu ntiyari bwankubite ijisho. 23 Bahora bumva gusa ngo: «Wa muntu yahora aduhama+, ubu asigaye amenyekanisha inkuru nziza yerekeye kwa kwizera yahora agerageza kuzimanganya+.» 24 Baca batangura kuninahaza Imana kubera jewe.

2 Maze inyuma y’imyaka 14 narongeye kuduga i Yeruzalemu ndi kumwe na Barunaba+, na Tito ndamujana+. 2 Naduzeyo kubera nari nabihishuriwe, ndaheza ndabashikiriza inkuru nziza ndiko ndamamaza mu mahanga. Ariko nabigize mu mwiherero imbere y’abagabo bubahwa cane, kugira ngo sinsange nariko nirukira ubusa canke ngo nsange nari nirukiye ubusa. 3 Yamara na Tito+ twari kumwe ntiyagoberewe kugenyerwa*+, naho yari Umugiriki. 4 Mugabo ico kibazo cavyutse kubera abavukanyi b’ikinyoma binjijwe mu mpisho mw’ishengero+, bakatwisobekamwo kugira barereke umwidegemvyo dufise+ mu bumwe na Kristu Yezu ngo batugire abaja nyabo+. 5 Ntitwaboroheye ngo tubumvire+, emwe habe n’akanya gato*, kugira ngo ukuri kw’inkuru nziza kugume muri mwebwe.

6 Mugabo ku bijanye n’abagabo wamengo barahambaye+, nta kintu gishasha bambwiye. Abo bagabo bubahwa cane, icubahiro cose bari bafise nta co gihindura kuri jewe kuko Imana idafatira ku kuntu umuntu aboneka inyuma. 7 Ahubwo barabonye ko nari najejwe kumenyesha inkuru nziza abatagenyerewe+, nk’uko na Petero yari yajejwe kuyimenyesha abagenyerewe. 8 Nakare umwe yaha Petero ububasha ngo abe intumwa ku bagenyerewe, ni na we yampaye ububasha ngo mbe intumwa ku bantu bo mu mahanga+. 9 Baratahuye kandi ko Imana yangiriye ubuntu buhebuje*+, maze Yakobo+ na Kefa* na Yohani, ari na bo baboneka ko ari inkingi, baduha ukuboko kw’ukuryo twe na Barunaba+ nk’ikimenyetso c’uko dufadikanije*. Kwari ukugira ngo twebwe tuje ku banyamahanga, na bo baje ku bagenyerewe. 10 Badusavye gusa kutibagira aboro, kandi n’ivyo narihatiye rwose kubikora+.

11 Ariko igihe Kefa*+ yaza muri Antiyokiya+, naramukosoye* imbonankubone kuko vyaboneka neza ko ari mu makosa*. 12 Imbere y’uko abantu bamwe bavuye kwa Yakobo+ bashika, yahora asangira n’abanyamahanga+. Mugabo aho bashikiye, yaciye abiheba arasokora akarenge, kubera yatinya abagenyerewe+. 13 Abandi Bayuda na bo barifatanije na we muri ubwo buryarya, ku buryo na Barunaba atwarwa akagira uburyarya nka bo. 14 Mugabo aho mboneye ko batariko bigenza mu buryo buhuye n’ukuri kw’inkuru nziza+, nabwiye Kefa* imbere yabo bose nti: «Nimba wewe ubaho nk’abanyamahanga kandi uri Umuyuda, ntubeho nk’Abayuda, kubera iki ugobera abanyamahanga ngo babeho bisunga imigenzo y’Abayuda+?»

15 Twebwe abavutse turi Abayuda, tukaba dutandukanye n’abacumuzi bo mu mahanga, 16 turatahura yuko umuntu atitwa umugororotsi biciye ku bikorwa bisabwa n’amategeko, ahubwo biciye gusa ku kwizera+ Yezu Kristu+. Twarizeye rero Kristu Yezu kugira ngo twitwe abagororotsi biciye ku kwizera Kristu, bidaciye ku bikorwa bisabwa n’amategeko, kuko ata n’umwe* azokwitwa umugororotsi biciye ku bikorwa bisabwa n’amategeko+. 17 Nimba rero na twebwe twabonetse ko turi abacumuzi kandi twariko turondera kwitwa abagororotsi biciye kuri Kristu, Kristu none yoba aturemesha gucumura? Habe namba! 18 Nimba vya bintu nyene nasenyurira hasi kera ari vyo nsubiye kwubaka, noba nerekanye ko ndenga amategeko. 19 Biciye ku mategeko narapfuye ku bijanye n’amategeko+, kugira ngo mbe muzima ku Mana. 20 Manikanywe ku giti na Kristu+. Si jewe nkiriho+, ahubwo Kristu ni we ariho mu bumwe nanje. Vy’ukuri, ubu mbayeho mu mubiri nisunga ukwizera mfise kwerekeye Umwana w’Imana+ yankunze akanyigura+. 21 Sintera akagere* ubuntu buhebuje bw’Imana+, kuko nimba ubugororotsi buboneka biciye ku mategeko, Kristu mu vy’ukuri yapfiriye ubusa+.

3 Yemwe Bagalatiya b’imburabwenge, ni nde yaboheje nabi ukuraho+, mwebwe mwari mwareretswe ku mugaragaro Yezu Kristu amanitswe ku giti+? 2 Nshaka kubabaza* iki kintu kimwe gusa: mbega mwaronse impwemu biciye ku bikorwa bisabwa n’amategeko canke mwayironse kubera mwizeye ivyo mwumvise+? 3 Mwakabaye muri imburabwenge bigeze iyo? Ko mwatanguye muyoborwa n’impwemu*, mugomba musozere muyoborwa n’umubiri*+? 4 None ya mibabaro myinshi mwaciyemwo, mwayigiriye ubusa? Nizere ko mutayigiriye ubusa. 5 None umwe abaronsa impwemu akanakorera ibikorwa vy’ububasha+ muri mwebwe, yoba abigira kubera mukora ibikorwa bisabwa n’amategeko canke abigira kubera mwizera ivyo mwumvise? 6 Mwibuke ko na Aburahamu «yizeye Yehova*, abonwa ko ari umugororotsi*+.»

7 Murazi ata gukeka yuko abisunga ukwizera ari bo bana ba Aburahamu+. 8 Kubera ko Ivyanditswe vyari vyarerekanye imbere y’igihe yuko abantu bo mu mahanga Imana yobise abagororotsi biciye ku kwizera, vyaramenyesheje Aburahamu inkuru nziza imbere y’igihe, bivuga biti: «Amahanga yose azohezagirwa biciye kuri wewe+.» 9 Abisunga ukwizera rero bariko barahezagirirwa hamwe na Aburahamu, we yari afise ukwizera+.

10 Abo bose biheka ku bikorwa bisabwa n’amategeko bariko umuvumo, kuko vyanditswe ngo: «Aravumwe uwo wese ataguma mu bintu vyose vyanditswe mu muzingo w’amategeko ngo abikore+.» 11 Vyongeye, biribonekeza neza yuko ata n’umwe yitwa umugororotsi imbere y’Imana biciye ku mategeko+, kuko «umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera+.» 12 Amategeko rero ntashingiye ku kwizera. Ahubwo handitswe ngo: «Umuntu wese yubahiriza ivyo bintu azobeshwaho na vyo+.» 13 Kristu yaraducunguye+, atubohora+ umuvumo w’amategeko mu gucika umuvumo mu kibanza cacu, kuko vyanditswe ngo: «Umuntu wese amanitswe ku giti ni ikivume+.» 14 Ivyo vyabaye kugira ngo umuhezagiro wa Aburahamu uze ku mahanga biciye kuri Kristu Yezu+, ngo turonke ya mpwemu yasezeranywe+ biciye ku kwizera kwacu.

15 Bavukanyi, ngira nkoreshe ikigereranyo abantu batahura: isezerano rimaze kwemezwa, naho ryoba ryemejwe n’umuntu gusa, nta n’umwe arikuraho canke ngo agire ivyo aryongerako. 16 Imihango rero yabwiwe Aburahamu n’uruvyaro* rwiwe+. Ntihavuga ngo: «No ku mvyaro* zawe» nk’aho zoba ari nyinshi. Ahubwo havuga nk’aho ari rumwe hati: «No ku ruvyaro* rwawe», ari rwo Kristu+. 17 Ico mvuga kandi ni iki: amategeko yaje inyuma y’imyaka 430+ ntakuraho isezerano Imana yari yaremeje canke ngo akureho uwo muhango. 18 Kuko nimba intoranwa Imana itanga iyitanga yishimikije amategeko, ntiba icishimikije umuhango. Yamara Imana yahaye intoranwa Aburahamu n’umutima ukunze biciye ku muhango+.

19 None amategeko ahari kubera iki? Yongeweko kugira ngo ibicumuro bije ahabona+, kugeza uruvyaro* rwari rwarahawe umuhango rushitse+. Kandi ayo mategeko yashikirijwe biciye ku bamarayika+, acishwa mu kuboko kw’umuhuza+. 20 Yamara rero nta muhuza ahaba igihe hari umuntu umwe gusa. Mugabo Imana yari yonyene igihe yatanga uwo muhango. 21 None amategeko yoba arwanya imihango Imana yatanze? Habe namba! Kuko iyo haza kuba haratanzwe amategeko ashoboye gutanga ubuzima, ubugororotsi buba vy’ukuri bwarabonetse biciye ku mategeko. 22 Mugabo Ivyanditswe vyaratanze ibintu vyose ngo biganzwe n’igicumuro, kugira ngo umuhango uva ku kwizera Yezu Kristu uhabwe abafise ukwizera.

23 Ariko imbere y’uko ukwizera gushika, twarindwa n’amategeko, tukaba twari twashikirijwe ayo mategeko ngo atuganze, mu kurindira ukwizera kwagira guhishurwe+. 24 Amategeko rero yatubereye umurezi* atujana kuri Kristu+ kugira ngo twitwe abagororotsi biciye ku kwizera+. 25 Mugabo ubu ko ukwizera kwashitse+, ntitukirabwa n’umurezi*+.

26 Mu vy’ukuri, mwese muri abana b’Imana+ biciye ku kwizera Kristu Yezu+. 27 Kuko mwese ababatijwe muri Kristu mwambaye Kristu+. 28 Nta Muyuda ariho canke Umugiriki+, nta mushumba canke uwidegemvya+, nta mugabo canke umugore+, kuko mwese muri umwe mu bumwe na Kristu Yezu+. 29 Vyongeye, ko mwegukira Kristu, muri uruvyaro* rwa Aburahamu vy’ukuri+, ba samuragwa+ b’umuhango yahawe+.

4 Ico mvuga rero, ni uko igihe samuragwa aba akiri umwana mutoyi ata ho aba atandukaniye n’umushumba, naho nyene ibintu vyose biba ari rwiwe. 2 Ariko aba agabwa n’abamujejwe be n’abajejwe ivyo mu rugo, kugeza ku musi se yashinze imbere y’igihe. 3 Na twebwe nyene, igihe twari abana twari abashumba b’ibintu vy’intango vy’isi+. 4 Ariko igihe cashinzwe* kimaze kurangira, Imana yararungitse Umwana wayo, avyarwa n’umugore+ kandi agabwa n’amategeko+, 5 kugira abohore abagabwa n’amategeko mu kubacungura+, ngo natwe Imana ibone kutugira abana bayo+.

6 Ubu ko muri abana bayo, Imana yararungitse impwemu+ y’Umwana wayo mu mitima yacu+, iyo mpwemu ikaba isemerera iti: «Abba*, Data+!» 7 Ntimukiri abashumba rero ahubwo muri abana b’Imana. Ko muri abana bayo rero, muca muba na ba samuragwa bivuye kuri yo+.

8 Yamara rero, igihe mutari muzi Imana, mwari abashumba b’imana zitari imana vy’ukuri. 9 Mugabo ubu ko mwamenye Imana, canke nako ko mwamenywe n’Imana, mwongera gute gusubira ku bintu vy’intango bigoyagoya+ kandi biteye akagongwe, mugashaka kwongera kubishumbira+? 10 Murubahiriza cane imisi, amezi+, ibiringo n’imyaka. 11 Mfise ubwoba yuko noba naruhiye ubusa igihe nabafasha.

12 Bavukanyi, ndabinginze ngo mumere nkanje, kuko na jewe nahora meze nkamwe+. Nta kibi mwankoreye. 13 Mugabo murazi yuko indwara ari yo yatumye ndonka akaryo ko kubamenyesha inkuru nziza ari bwo bwa mbere. 14 Naho indwara yanje yababereye ikigeragezo, ntimwankengereye canke ngo mwumve mushishwe*. Ahubwo mwanyakiriye nk’umumarayika w’Imana, nka Kristu Yezu. 15 None ka gahimbare mwari mufise kagiye hehe? Kuko ndabashingira intahe yuko iyaba vyari gushoboka, mwari kwinogora amaso mukayampa+. 16 Mbega none ncitse umwansi wanyu kubera yuko ndababwiza ukuri? 17 Bakorana umwete kugira babigarurire, mugabo intumbero yabo si nziza. Bashaka kubanyonkorako kugira ngo mwipfuze cane kubakurikira. 18 Mugabo vyama ari vyiza ko hagira uwubaronderana umwete afise intumbero nziza, atari igihe gusa ndi kumwe namwe 19 bana banje bato+, mwebwe abongeye kuntera ububabare bwo kwibaruka gushika Kristu yibonekeje* neza muri mwebwe. 20 Icompa ubu nyene nkaba ndi kumwe namwe ngakoresha iyindi mvugo, kuko ivyanyu binzazaniye.

21 Nimumbwire ntuze mwebwe mushaka kugabwa n’amategeko: mbega ntimwumva ico amategeko avuga? 22 Nk’akarorero, vyanditswe yuko Aburahamu yari afise abahungu babiri. Umwe yamuronse ku musukukazi+, uwundi na we ku mugore wiwe, umugore yidegemvya+. 23 Mugabo uwo ku musukukazi yavutse nk’uko abandi basanzwe bavuka*+, uwo wundi wo ku mugore yidegemvya avuka biciye ku muhango+. 24 Ivyo bintu ni inkuru iri n’ico igereranya. Abo bagore bagereranya amasezerano abiri: rimwe ni iryo ku musozi Sinayi+, ari ryo rivyara abana baba abashumba. Iryo ni Hagari. 25 Hagari agereranya rero Sinayi+, umusozi wo muri Arabiya, akaba ahwanye na Yeruzalemu y’ubu, kuko iri mu bushumba hamwe n’abana bayo. 26 Ariko Yeruzalemu yo hejuru iridegemvya, kandi ni yo mama.

27 Kuko vyanditswe ngo: «Nezerwa yewe mugore w’ingumba utavyara! Turikisha wihe akamo k’umunezero yewe mugore utagira ububabare bwo kwibaruka, kuko abana b’umugore yatawe ari benshi kuruta ab’umugore afise umugabo+.» 28 Mwebwe rero bavukanyi, muri abana b’umuhango nka kumwe kwa Izahaki+. 29 Mugabo ico gihe, uwavutse nk’uko abandi basanzwe bavuka* yatanguye guhama uwavutse biciye ku mpwemu+, kandi n’ubu ni ukwo+. 30 Yamara none, icanditswe kivuga iki? Kigira giti: «Irukana uwo musukukazi n’umuhungu wiwe, kuko umuhungu w’umusukukazi atazogenda asangiye intoranwa n’umwana w’umugore yidegemvya+.» 31 Rero bavukanyi, ntituri abana b’umusukukazi, ahubwo turi abana ba wa mugore yidegemvya.

5 Kristu yatugize abidegemvya ngo tugire mwene uwo mwidegemvyo. Nimushikame+ rero, ntimwemere ngo mwongere kwikorezwa umutwaro* w’ubushumba+.

2 Umviriza! Jewe Pawulo ndababwiye yuko nimwagenyerwa, Kristu ata kamaro azobagirira+. 3 Ndongeye kwibutsa umuntu wese agenyerwa yuko abwirizwa gushitsa amategeko* yose+. 4 Mwaratandukanijwe na Kristu mwebwe mugerageza kwitwa abagororotsi biciye ku mategeko+. Mwaritesheje ubuntu bwiwe buhebuje*. 5 Nayo twebwe, biciye ku mpwemu, turindiranye igishika ubugororotsi twizigiye kuronka bivuye ku kwizera. 6 Kuko ku bunze ubumwe na Kristu Yezu, kwaba ukugenyerwa canke ukutagenyerwa ata kamaro bifise+. Igifise akamaro ni ukwizera gukora biciye ku rukundo.

7 Mwariko mwiruka neza+. Ni nde yababujije kuguma mugamburukira ukuri? 8 Uwabajijuye ngo mukore ivyo, si ya Mana yabahamagara. 9 Akambiro gakeyi kambira igikandu cose+. 10 Ndizigiye ko mwebwe mwunze ubumwe n’Umukama+ mutazokwiyumvira ibitandukanye n’ivyo. Mugabo uwuriko arabadurumbanya+ yaba nde, azoronka igihano abereye. 11 Nayo jewe ga bavukanyi, nimba ncamamaza ukugenyerwa, kubera iki nkiriko ndahamwa? Nimba namamaza ukugenyerwa, igiti co kubabarizwako*+ ntikikiri igitsitaza. 12 Icompa abantu bariko barondera kubadurumbanya bagacika inkone*.

13 Bavukanyi, mwahamagariwe umwidegemvyo. Ariko ntimukoreshe uwo mwidegemvyo nk’icitwazo co gukurikirana ivyipfuzo vy’umubiri+, ahubwo mushumbiranire bivuye ku rukundo+. 14 Kuko amategeko yose uko angana arangukira* mw’itegeko rimwe, ari ryo ry’iri: «Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda+.» 15 Ariko nimba muguma muryana mwongera murotsanya+, muraraba neza ntimumarane+.

16 Mugabo mvuga nti: nimugume mugenda mwisunga impwemu+, ni ho mutazoshitsa icipfuzo c’umubiri na kimwe+. 17 Kuko umubiri urwanya impwemu kubera ivyo wipfuza, impwemu na yo ikarwanya umubiri. Ntibicana uwaka. Ni co gituma ibintu nyene mwashaka gukora atari vyo mukora+. 18 Vyongeye nimba muyoborwa n’impwemu, ntimugabwa n’amategeko.

19 Rero ibikorwa vy’umubiri biribonekeza neza, bikaba ari ubusambanyi*+, ubuhumane, inyifato iteye isoni kandi y’akagagazo*+, 20 gusenga ibigirwamana, ubupfumu*+, urwanko, imiryano, ishari, ibishavu, amahane, amacakubiri, kurema utugwi tw’idini, 21 inzigo, akaborerwe+, ukwidagadura birenze, n’ibindi nk’ivyo+. Ndababuriye kuri ivyo, nk’uko nyene maze kubaburira, yuko abaza barakora mwene ivyo batazotorana Ubwami bw’Imana+.

22 Ariko ivyo impwemu yama ni urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana*+, ubuntu, ukumera neza, ukwizera, 23 ubwitonzi, ukwigumya+. Ibintu mwene ivyo nta tegeko ribibuza. 24 Vyongeye, abegukira Kristu Yezu bamanitse umubiri ku giti, bawumanikana n’inambu zawo be n’ivyipfuzo vyawo+.

25 Nimba tubaho twisunga impwemu, tubandanye no kwigenza mu buryo bubereye twisunga impwemu+. 26 Ntitwishire imbere+ ngo tuvyure uguhiganwa+ canke ngo tugiriranire agashari.

6 Bavukanyi, bishitse umuntu agafata inzira itari yo, naho yoba atarabimenya, mwebwe mukwije ibisabwa mu vy’impwemu mugerageze kumubogora n’umutima w’ubwitonzi+. Mugabo wigumizeko ijisho+, kugira ngo nawe ntuhave ugeragezwa+. 2 Mubandanye kwikoreranira imizigo+. Aho muzoba muriko murashitsa rya tegeko rya Kristu+. 3 Kuko nimba umuntu yiyumvira ko ahambaye kandi ari ubusa+, aba ariko arihenda. 4 Ahubwo umwe wese nasuzume ibikorwa vyiwe bwite+, ni ho azogira imvo yo kunezererwa ivyo akora, atari kubera yigereranije n’uwundi+. 5 Kuko umwe wese azokwikorera umutwaro* wiwe bwite+.

6 Vyongeye, umuntu wese yigishwa* ijambo ry’Imana, nasangire ivyiza vyose n’uwutanga iyo nyigisho*+.

7 Ntimuzimire: Imana nta wuyihenda*. Kuko ico umuntu abiba cose ari co nyene azokwimbura+. 8 Uwubiba yisunga umubiri wiwe azokwimbura ukubora mu mubiri wiwe. Ariko uwubiba yisunga impwemu azokwimbura ubuzima budahera mu mpwemu+. 9 Ntiduhebe rero gukora ivyiza, kuko igihe nicagera tuzokwimbura nitutarambirwa*+. 10 Nuko rero tugifise akaryo ko kubigira*, dukorere iciza bose, ariko canecane incuti zacu mu kwizera.

11 Raba ibidome binini nkoresheje mu kubandikira n’ukuboko kwanje bwite.

12 Abo bose bashaka kuboneka neza mu mubiri* ni bo bagerageza kubagobera ngo mugenyerwe, kugira gusa ntibahamwe bahorwa igiti co kubabarizwako* ca Kristu. 13 Kuko na barya bagenyerwa batubahiriza amategeko+, ahubwo bashaka ko mugenyerwa kugira baronke imvo yo kwirata ku bijanye n’umubiri wanyu. 14 Nayo jewe, ese ntokwigera nirata, kiretse niratiye igiti co kubabarizwako* c’Umukama wacu Yezu Kristu+. Biciye kuri we, mbona ko isi yishwe*, isi na yo ikabona ko nishwe. 15 Kuko igihambaye atari ukugenyerwa canke ukutagenyerwa+, ahubwo ni ukuba ikiremwa gishasha+. 16 Rero abo bose babaho mu buryo bubereye bisunze iyo ngingo ngenderwako, amahoro n’imbabazi bibe kuri bo, egome, kuri Isirayeli y’Imana+.

17 Kuva ubu, ntihagire umuntu n’umwe angora, kuko ku mubiri mfise inkovu* zerekana ko ndi umushumba wa Yezu+.

18 Bavukanyi, ubuntu buhebuje* bw’Umukama wacu Yezu Kristu bubane namwe kubera umutima mwerekana. Amen.

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «iki gihe kibi.» Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).

Canke «murakurwa.»

Mu kigiriki havuga ngo «ngaheba nkimonogoza.»

Mu kigiriki havuga ngo «nta nyama n’amaraso.»

Yitwa kandi Petero.

Hari abavyita «gusiramura» canke «gukebwa.» Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).

Mu kigiriki havuga ngo «n’isaha n’imwe.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Yitwa kandi Petero.

Canke «dukorana.»

Yitwa kandi Petero.

Canke «naramuhangaye.»

Canke «kuko yari n’ikimucira urubanza.»

Yitwa kandi Petero.

Canke «ata gifise umubiri.»

Canke «simpindira ku ruhande.»

Mu kigiriki havuga ngo «ko mumenyesha.»

Mu kigiriki havuga ngo «mwatanguye mu mpwemu.»

Mu kigiriki havuga ngo «muriko munonosorerwa mu mubiri.»

Raba Inyongera ya A5.

Canke «abiharurwako nk’ubugororotsi.»

Mu kigiriki havuga ngo «urubuto.»

Mu kigiriki havuga ngo «ku mbuto.»

Mu kigiriki havuga ngo «ku rubuto.»

Mu kigiriki havuga ngo «urubuto.»

Mu kigiriki havuga ngo «umwigisha», «uwuyobora umwana.» Yari afise igikorwa co kurera abana canke kubakingira.

Mu kigiriki havuga ngo «umwigisha», «uwuyobora umwana.» Yari afise igikorwa co kurera abana canke kubakingira.

Mu kigiriki havuga ngo «urubuto.»

Mu kigiriki havuga ngo «igihe cuzuye.»

Ni ijambo ry’igiheburayo canke igiharameya risobanura ngo «ewe dawe!»

Canke «muncireko.»

Canke «yiremye.»

Mu kigiriki havuga ngo «mu buryo bw’umubiri.»

Mu kigiriki havuga ngo «mu buryo bw’umubiri.»

Mu kigiriki havuga ngo «ingogo.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).

Ni ukuvuga amategeko ya Musa.

Raba Insiguro y’amajambo.

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «bakikonesha.» Ivyo vyotumye batemererwa gukora ibisabwa n’ayo mategeko nyene bariko baraharanira.

Hashobora kandi kuvugwa ngo «apoperanirijwe.»

Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.

Mu kigiriki ni aselgeia. Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «uburozi», «ibintu biyovya ubwenge.»

Canke «ukwiyumanganya.»

Canke «ibanga.»

Canke «yigishwa ku munwa.»

Canke «iyo nyigisho yigishwa ku munwa.»

Mu kigiriki havuga ngo «nta wuyihema.»

Canke «nitutaruha.»

Mu kigiriki havuga ngo «umwanya washinzwe.»

Canke «inyuma.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «yiciwe ku giti.»

Canke «inkovu z’aho naturiwe», «imyotso.»

Raba Insiguro y’amajambo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika