IKETE RYA KABIRI RYANDIKIWE ABAKORINTO
1 Jewe Pawulo intumwa ya Kristu Yezu biciye kw’igomba ry’Imana, n’umuvukanyi wacu Timoteyo+, turabandikiye mwebwe shengero ry’Imana riri i Korinto hamwe n’aberanda bose bari i Akaya+ hose.
2 Ubuntu buhebuje* n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mukama Yezu Kristu bibane namwe.
3 Hashemezwe Imana ikaba na Se w’Umukama wacu Yezu Kristu+, Se w’imbabazi n’ikibabarwe+ ikaba n’Imana y’uruhoza+ rwose. 4 Iraduhoza* mu bigeragezo* vyacu vyose+ kugira ngo natwe dushobore guhoza+ abari mu bigeragezo* vy’ubwoko bwose, biciye ku ruhoza iduha+. 5 Nk’uko imibabaro idushikira kubera Kristu ari myinshi+, ni ko n’uruhoza turonka biciye kuri Kristu ari rwinshi. 6 Iyo turi mu bigeragezo* ni ukugira ngo muhozwe mwongere mukizwe. N’iyo duhojejwe ni ukugira ngo muhozwe. Urwo ruhoza rurabafasha kwihanganira imibabaro isa n’iyidushikira. 7 Dufise icizigiro gikomeye ku biberekeye kuko tuzi yuko kurya nyene dusangira imibabaro ari ko tuzosangira n’uruhoza+.
8 Bavukanyi, ntidushaka ko muyoberwa amakuba yadushikiye mu ntara ya Aziya+. Twari turemerewe bihebuje, bimwe birengeye inkomezi zacu, ku buryo n’ubuzima bwacu bwari buduhagaritse umutima cane+. 9 Emwe, twumva umengo twaciriwe urubanza rwo gupfa. Kwari ukugira ngo ntitwiyizigire ubwacu, ahubwo twizigire ya Mana+ izura abapfuye. 10 Yaradukijije ako kaga gakomeye k’urupfu, kandi izosubira kudukiza. Turizigiye kandi ko izobandanya kudukiza+. 11 Namwe murashobora kudufasha mu gutakambira Imana ku bwacu+ kugira ngo nitwagirirwa ubuntu bivuye ku masengesho ya benshi+, bize bitume benshi bakengurukira Imana ku bitwerekeye.
12 Kuko iki ari co twiratira: ijwi ryacu ryo mu mutima riradushingira intahe yuko mw’isi, na canecane muri mwebwe, twigenjeje nk’abantu bubahiriza ubweranda kandi bafise umutima utagira uburyarya ushimwa n’Imana. Ntitwabigize twisunze ubukerebutsi bw’abantu*+, ahubwo twisunze ubuntu buhebuje bw’Imana. 13 Kuko vy’ukuri ata bintu turiko tubandikira mudashobora gusoma* ngo mutahure. Kandi nizigiye ko muzobandanya kubitahura neza*, 14 nka kurya nyene mwatahuye ku rugero kanaka yuko mufise imvo yo kutwiratira, nk’uko natwe tuzobiratira ku musi w’Umukama wacu Yezu.
15 Kubera ko ivyo nari ndavyizigiye, naripfuje kubanza kuza iwanyu kugira ngo muronke akaryo ko kunezerwa ubugira kabiri*. 16 Mu bisanzwe naripfuza kuza kubaraba ndiko ndaja i Masedwane, nkagaruka iwanyu mvuyeyo, hanyuma mukamperekeza gatoyi ngiye i Yudaya+. 17 None noba naravyipfuje mugabo sindavyiteho? Canke noba ntegura imigambi mu buryo bw’umubiri nkavuga ngo «Ego, ego» hanyuma ngo «Oya, oya»? 18 Mugabo Imana irashobora kutubera icabona yuko ivyo tubabwira atari «ego» kandi ari «oya». 19 Yezu Kristu Umwana w’Imana, umwe jewe na Silivano* na Timoteyo+ twabamenyesha, ntiyabaye «ego» hanyuma ngo abe «oya», ahubwo «ego» yamye ari «ego» ku bimwerekeye. 20 Kuko imihango y’Imana uko ingana kwose, yabaye «ego» biciye kuri we+. Ni co gituma kandi biciye kuri we tubwira Imana «Amen+», gutyo tukayininahaza. 21 Mugabo uwemeza ko twe namwe turi aba Kristu, akaba ari na we yaturobanuye*, ni Imana+. 22 Yaradushizeko n’ikidodo cayo+ yongera iduha mu mitima yacu icemeza ibizoza*, ni ukuvuga impwemu+.
23 Ubu ndasavye Imana ibe icabona kinyagiriza, yuko kuba ntaraza i Korinto ari ukugira ngo ntimurushirize kubabara. 24 Ntibisigura ko ari twebwe tuganza ukwizera kwanyu+. Ahubwo turi abakozi bagenzi banyu ku bw’umunezero wanyu, kuko muhagaze kubera ukwizera kwanyu.
2 Nafashe ingingo yo kutongera kuza iwanyu mu mubabaro. 2 None hamwe nobatera umubabaro, ni nde yontera umunezero atari umwe nababaje? 3 Ivyo nabandikiye navyanditse kugira ngo ninaza simbabazwe n’abari gutuma nezerwa, kuko nzi neza yuko ibituma nezerwa ari vyo bituma namwe mwese munezerwa. 4 Kuko nabandikiye ndi mu makuba menshi, mfise n’intuntu nyinshi mu mutima hariko n’amosozi, atari kugira ngo mubabare+, ahubwo kugira ngo mumenye urukundo rwinshi ndabafitiye.
5 Nimba rero hari uwateye umubabaro+, ntiyawuteye jewe ahubwo yawuteye mwese ku rugero kanaka. Sinshaka kurenza urugero mu vyo mvuga. 6 Ukwo gukosorwa na benshi kurahagije kuri uwo muntu. 7 Ubu mukwiye nyabuna kumubabarira n’umutima mwiza mukongera mukamuhoza+ kugira ngo ntahave yicwa* n’umubabaro urenze urugero+. 8 Ndabahimiriza rero ngo mumwereke ko mumukunda+. 9 Kuko iki ari co kandi gitumye ndabandikira: ni ukugira menye neza ko muzogamburuka muri vyose. 10 Nimwababarira umuntu ikintu ico ari co cose, nanje nzoba ndamubabariye. Nkako, ikintu cose noba narababariye (nimba kihari), nabigize ku neza yanyu imbere ya Kristu, 11 kugira ngo ntidutsindwe* na Shetani+, kuko tutayobewe amayeri* yiwe+.
12 Igihe rero nashika i Tirowa+ kumenyesha inkuru nziza yerekeye Kristu, maze nkugururirwa umuryango mu gikorwa c’Umukama*, 13 narabuze amahoro kuko ntabonye umuvukanyi wanje Tito+. Naciye rero ndabasezera maze nja i Masedwane+.
14 Mugabo Imana ishimwe, yo yama iturongora mu rugendo rw’intsinzi twifatanije na Kristu. Ni yo kandi ituma akamoto k’ubumenyi buyerekeye gakwira* ahantu hose biciye kuri twebwe. 15 Kuko ku Mana turi akamoto keza cane ka Kristu gakwira mu bariko barakizwa no mu bariko baja mu mahonero. 16 Kuri abo ba kabiri turi akamoto k’urupfu kajana mu rupfu+, ku ba mbere na ho tukaba akamoto k’ubuzima kajana mu buzima. Ni nde none akwije neza ibisabwa ku bw’ivyo bintu? 17 Ni twebwe, kuko tutagenda tudandaza ijambo ry’Imana*+ nk’uko benshi bagira. Ahubwo tuvuga ata buryarya nk’abarungitswe n’Imana, kandi ivyo tubikora imbere yayo, twifatanije na Kristu.
3 Mbega twongere kwimenyekanisha kuri mwebwe? Canke twoba dukeneye, nk’abantu bamwebamwe, amakete adushimagiza kuri mwebwe canke avuye iwanyu? 2 Mwebwe ubwanyu muri ikete ryacu+ ryanditswe ku mitima yacu, rizwi kandi risomwa n’abantu bose. 3 Kuko bigaragara neza ko muri ikete rya Kristu ryanditswe na twebwe abasuku+. Ntiryandikishijwe irangi, ahubwo ryandikishijwe impwemu y’Imana nzima. Ntiryanditswe ku bisate vy’amabuye+, ahubwo ryanditswe ku mitima*+.
4 Ivyo turavyemeza neza imbere y’Imana biciye kuri Kristu. 5 Kuba dukwije neza ibisabwa si kubera ubushobozi bwacu, ahubwo Imana ni yo ituma dukwiza neza ibisabwa+. 6 Ni yo yatumye dukwiza neza ibisabwa vyo kuba abasuku b’isezerano rishasha+, atari ab’amategeko yanditse+ ahubwo ab’impwemu. Kuko ya mategeko yanditse acira umuntu urwo gupfa+, mugabo impwemu igatuma umuntu aba muzima+.
7 Ayo mategeko ashikana ku rupfu kandi yanditswe* ku mabuye+, yazananye ubuninahazwa buhebuje ku buryo Abisirayeli batashobora kwitegereza mu maso ha Musa kubera hasayangana ubuninahazwa+, kandi ubwo buninahazwa bwokuweho. 8 Ko ari ukwo biri none, kubera iki inzira impwemu itangwamwo+ itogira ubuninahazwa buhebuje kuruta+? 9 Kuko nimba ya mategeko atuma abantu batsindwa n’urubanza+ yari afise ubuninahazwa+, wumva inzira bicamwo kugira abantu bitwe abagororotsi+, idafise ubuninahazwa buhebuje? 10 Mbere n’icari carigeze guhabwa ubuninahazwa carabwambuwe kubera haje ubundi buninahazwa bukirengeye+. 11 Kuko nimba icategerezwa gukurwaho cazananye ubuninahazwa+, ese ukuntu icogumyeho corushirije kugira ubuninahazwa bwinshi+.
12 Ko rero dufise mwene ico cizigiro+, turavugana umwidegemvyo mwinshi. 13 Ntitugira nka bimwe Musa yagize igihe yitwikira igitambara mu maso+, kugira ngo Abisirayeli ntibitegereze iherezo rya kimwe cabwirizwa gukurwaho. 14 Ariko ubwenge bwabo nta co bwashobora gutahura+. Gushika n’uyu musi ca gitambara kigumaho igihe cose isezerano rya kera ririko rirasomwa+, kubera ko ico gitambara gikurwaho biciye gusa kuri Kristu+. 15 Emwe gushika n’uyu musi, igihe cose ivyanditswe na Musa bisomwe+, igitambara kiguma ku mitima yabo+. 16 Mugabo hagize uwugaruka kuri Yehova*, ico gitambara kirakurwaho+. 17 Yehova* ni Impwemu+, kandi aho impwemu ya Yehova* iri, ni ho hari umwidegemvyo+. 18 Twese abadafise igitambara mu maso tumeze nk’ivyirore vyerekana ubuninahazwa bwa Yehova*. Turahindurwa tukagira ishusho nk’iy’Imana, tukerekana ubuninahazwa bugenda burushiriza kwongerekana*, neza na neza nk’uko Yehova* we Mpwemu* abishaka+.
4 Ko rero dufise ico gikorwa tubikesheje imbabazi twagiriwe, ntidutana n’akabando. 2 Mugabo twaranse ibintu biteye isoni bikorerwa mu kinyegero, twanka gukorana urwenge canke kujoborora ijambo ry’Imana+. Ahubwo riho turashira ahabona ukuri, tukabera akarorero keza ijwi ryo mu mutima ry’umuntu wese imbere y’Imana+. 3 Nimba vy’ukuri inkuru nziza tumenyesha itwikiriwe, itwikiriwe mu bariko baja mu mahonero, 4 bamwe batemera. Imana y’iyi si*+ yarahumye ubwenge bwabo+ kugira ngo umuco* wa ya nkuru nziza y’ubuninahazwa yerekeye Kristu, we shusho y’Imana+, ntumene ngo ubashikire+. 5 Kuko tutiyamamaza ubwacu, ahubwo twamamaza ko Yezu Kristu ari Umukama, natwe ko turi abashumba banyu ku bwa Yezu. 6 Nakare Imana ni yo yavuze iti: «Umuco nukayangane mu mwiza+.» Yakayanganiye imitima yacu ngo iyimurikire+ ikoresheje ubumenyi bw’agatangaza bw’Imana bukayanganira mu maso ha Kristu.
7 Ariko dufise iryo tunga+ mu nkono z’ibumba*+, ngo ububasha burengeye ubusanzwe bube ubw’Imana, ntibube ubuva kuri twebwe+. 8 Turatunatunwa mu buryo bwose mugabo ntitubura isaganirizo. Turazazanirwa mugabo ntitubura rwose uko tubigenza*+. 9 Turahamwa mugabo ntiduhebwa+. Turakubitwa hasi mugabo ntidutikira+. 10 Twama twihanganira urupfu rwa Yezu* mu mubiri wacu+, ngo ubuzima bwa Yezu na bwo bubonekere mu mubiri wacu. 11 Kuko twebwe abariho twama dushirwa imbere y’urupfu+ ku bwa Yezu, ngo ubuzima bwa Yezu na bwo bubonekere mu mubiri wacu upfa. 12 Urupfu rero rukorera muri twebwe, ariko ubuzima bugakorera muri mwebwe.
13 Dufise umutima wizera* nk’umwe uvugwa mu vyanditswe ngo: «Narizeye, ni co gituma navuze+.» Natwe rero turizera, ni co gituma tuvuga. 14 Tubigira kubera yuko tuzi ko Umwe yazura Yezu, na twebwe azotuzura hamwe na Yezu, akadushikiriza twe namwe imbere yiwe+. 15 Kuko ivyo bintu vyose bihari ku bwanyu, kugira ngo ukugwira kw’ubuntu buhebuje* kurushirize kwongerekana kubera abandi bantu benshi bariko barakengurukira Imana, bitume ininahazwa+.
16 Ni co gituma tudatana n’akabando. Ahubwo naho umuntu wacu wo ku rukoba ariko arashira, mu vy’ukuri umuntu wacu w’imbere aguma agirwa mushasha ku musi ku musi. 17 Kuko naho amakuba* ari ay’akanya gato kandi akaba ahwahutse, atuzanira ubuninahazwa bukomeye* burushiriza kuba ubw’agatangaza kandi bw’ibihe bidahera+. 18 Ntitugumiza rero amaso ku biboneka, ahubwo tuyagumiza ku bitaboneka+. Kuko ibiboneka ari ivy’igihe gito, mugabo ibitaboneka bikaba ivy’ibihe bidahera.
5 Kuko tuzi yuko inzu yacu yo kw’isi, ni ukuvuga iri hema, niyaramuka isambuwe+, tubwirizwa kuronka inyubakwa iva ku Mana, ni ukuvuga inzu itubatswe n’amaboko+, izokwamaho mw’ijuru. 2 Turanihira muri iyi nzu koko, tukipfuza cane kwambara imwe rwacu iva mw’ijuru+, 3 kugira ngo nitwamara kuyambara ntituzosangwe turi gusa. 4 Vy’ukuri, twebwe turi muri iri hema turaniha tukaremerwa kuko dushaka kuryambura, mugabo tugashaka kwambara rya rindi+ ngo umubiri upfa umirwe n’ubuzima+. 5 Uwaduteguye ku bw’ico kintu nyene ni Imana+, yo yaduhaye impwemu nk’icemeza ibizoza*+.
6 Twama rero dufise umutima mu nda ukwiye, kandi turazi yuko magingo tukiba mu mubiri, turi kure y’Umukama+ 7 kuko tugenda twisunga ukwizera, tutisunga ibiboneka. 8 Emwe, turafise umutima mu nda ukwiye kandi twoshima kuba kure y’umubiri kugira ngo tuje kubana n’Umukama+. 9 Twaba rero tubana na we canke turi kure yiwe, intumbero yacu ni uko twemerwa na we. 10 Kuko twese dutegerezwa kurenguka* imbere y’intebe y’imanza ya Kristu, ngo umwe wese aronke ibikwiranye n’ivyo yakoze akiri mu mubiri, vyaba vyiza canke bibi*+.
11 Ko rero tuzi ugutinya Umukama ico ari co, tuguma dufasha abantu ngo banyurwe, mugabo Imana iratuzi neza*. Ariko ndizigiye ko n’ijwi ryanyu ryo mu mutima rituzi neza*. 12 Ntituriko turasubira kwimenyekanisha kuri mwebwe, ahubwo turiko tubaha imvo yo kwirata mu bijanye natwe, kugira muronke ico mwishura abiratira ibiboneka inyuma+ mugabo batiratira ikiri mu mutima. 13 Nimba twari twasaze+, hari ku bw’Imana. Nimba dufise ubwenge bukora neza, ni ku neza yanyu. 14 Kuko urukundo Kristu afise rutugobera, kubera ko ico twabonye ari uko umuntu umwe yapfiriye bose+. Nuko rero, bose bari barapfuye. 15 Kandi yapfiriye bose kugira ngo abariho ntibabe bakibaho ku bwabo+, ahubwo babeho ku bw’umwe yabapfira hanyuma akazurwa.
16 Kuva ubu rero, nta muntu n’umwe tubona* mu buryo bw’umubiri+. Naho twahora tuzi Kristu mu buryo bw’umubiri, mu vy’ukuri ubu si ko tumuzi+. 17 Nimba rero umuntu yunze ubumwe na Kristu, ni ikiremwa gishasha+. Ivya kera vyaraheze, ubu haje bishasha. 18 Mugabo ibintu vyose biva ku Mana, yo yatumye dusubiza hamwe na yo biciye kuri Kristu+ ikongera ikaduha igikorwa c’ugusubiza hamwe+, 19 ni ukuvuga igikorwa co kumenyesha ko Imana yariko ituma abo mw’isi basubiza hamwe na yo biciye kuri Kristu+, ntibaharureko amakosa yabo+. Kandi yatujeje ubutumwa bw’ugusubiza hamwe+.
20 Rero turi abaserukira Kristu+, nk’aho Imana yinginga abantu biciye kuri twebwe. Mu kibanza ca Kristu, turabinginga duti: «Nimusubize hamwe n’Imana.» 21 Umwe atari azi igicumuro+ yamugize igicumuro* ku bwacu, kugira ngo biciye kuri we twitwe abagororotsi imbere y’Imana+.
6 Ko dukorana n’Imana+, turabinginga rero ngo ntimwemere ubuntu bwayo buhebuje*, hanyuma ngo muhushe intumbero yabwo+. 2 Kuko ivuga iti: «Mu gihe c’ukwemerwa narakwumvise, kandi ku musi w’ubukiriro naragutabaye+.» Raba! Ubu ni co gihe canecane c’ukwemerwa. Raba! Ubu ni wo musi w’ubukiriro.
3 Turirinda gutsitaza umuntu n’umwe, kugira ngo igikorwa cacu ntigitorwe amahinyu+. 4 Ahubwo muri vyose turerekana ko turi abasuku b’Imana+ mu kwihanganira ibigeragezo vyinshi, mu makuba, mu bihe vy’umukeno, mu ngorane+, 5 mu gukubitwa ibimoko, mu gupfungwa+, mu migumuko, mu kubira akuya, mu kurara maso, mu kubura ibifungurwa+, 6 mu kuguma dutyoroye, mu kwisunga ubumenyi, mu kwiyumanganya+, mu kugaragaza ubuntu+, mu kuyoborwa n’impwemu nyeranda, mu rukundo rutagira ubwiyorobetsi+, 7 mu kuvuga ukuri no mu kwiheka ku bubasha bw’Imana+. Turavyerekana kandi biciye ku birwanisho vy’ubugororotsi+ vyo mu kuryo* n’ivyo mu kubamfu*, 8 biciye mu cubahiro no mu gateterwe, biciye mu kuvugwa nabi no mu kuvugwa neza. Tubonwa nk’ababeshi kandi turi imvugakuri, 9 nk’abatazwi kandi tuzwi, nk’abariko barapfa* kandi turiho+, nk’abahawe igihano* kandi tutatanzwe ngo twicwe+, 10 nk’abari n’agahinda kandi twama tunezerewe, nk’aboro kandi dutungisha benshi, nk’abadafise ikintu na kimwe kandi dutunze vyose+.
11 Yemwe Bakorinto, twaravuganye namwe tubugurukiye*, kandi twarabugururiye cane umutima wacu. 12 Urukundo tubakunda ruragutse+, mugabo urukundo* mudukunda ruraga. 13 Ko tubakunda gutyo, namwe rero nimutwugururire cane umutima*+. Aho mvuze nk’uwubwira abana banje.
14 Ntimwunge ubumwe n’abatemera*+. Nakare, ubugororotsi n’ubugarariji bihuriye ku ki+? Canke umuco usangiye iki n’umwiza+? 15 Vyongeye, Kristu na Beliyali*+ bohuza gute? Canke uwemera asangiye iki n’uwutemera+? 16 Kandi urusengero rw’Imana ruhuriye ku ki n’ibigirwamana+? Erega turi urusengero rw’Imana nzima+, nk’uko Imana yavuze iti: «Nzobana na bo+, ngendere muri bo, kandi nzoba Imana yabo, na bo babe abantu banje+.» 17 «“Nimuve muri bo rero, kandi mwitandukanye na bo”, ni ko Yehova* avuze, “kandi mureke gukora ku kintu gihumanye+”», «“nanje nzobakira+.”» 18 «“Kandi nzobabera so+, namwe mumbere abahungu n’abakobwa+”, ni ko Yehova* Mushoboravyose avuze.»
7 Ko rero dufise iyo mihango+ ga bakundwa, twiyuhagire ibintu vyose bihumanya umubiri n’umutima+, kugira tube aberanda bimwe bikwiye mu gutinya Imana.
2 Muduhe ikibanza mu mitima yanyu+. Nta we twagiriye nabi, nta we twatumye yononekara, nta we twariye imitsi+. 3 Ivyo sindabivuze kugira ndabacire urubanza kuko maze kuvuga yuko muri mu mitima yacu, twaba dupfa canke tubaho. 4 Mvugana umwidegemvyo mwinshi ku biberekeye. Ndabiratira cane. Narahojejwe cane rwose. Mu marushwa yacu yose mfise umunezero usesekaye+.
5 Mu bisanzwe igihe twashika i Masedwane+, nta gahengwe twaronse*, ahubwo twashishikaye gutezwa amarushwa mu buryo bwose: hanze hari intambara, imbere na ho ubwoba. 6 Ariko ya Mana ihoza abavunitse umutima+, yaraduhojeje aho Tito aziye akagumana natwe. 7 Ntitwahojejwe gusa no kuba ari ho ari. Twarahojejwe kandi n’uruhoza yaronse kubera mwebwe, kuko yatwiganiye inkumbu mumfitiye, intuntu mwagize n’ukuntu mumbabaye cane*. Vyatumye ndushiriza kunezerwa.
8 Naho ikete ryanje ryabateye umubabaro+, sindavyicuza. Ego ni ko mu ntango naravyicujije (kubera ko iryo kete ryabateye umubabaro, naho vyabaye akanya gatoyi gusa). 9 Mugabo ubu ndanezerwa, atari kubera ko mwagize umubabaro, ahubwo kubera ko mwagize umubabaro utuma mwigaya. Mwagize umubabaro uhuye n’ivyo Imana igomba, ku buryo ata ngorane mwagize kubera twebwe. 10 Kuko umubabaro uhuye n’ivyo Imana igomba utuma umuntu yigaya bikamushikana ku bukiriro, kandi nta kwicuza asigarana+. Mugabo umubabaro w’isi uzana urupfu. 11 Raba ingene umubabaro uhuye n’ivyo Imana igomba mwagize watumye mugira ishaka ryinshi, ingene watumye mwikurako ibara mwari mwambaye, ingene watumye mushavuzwa n’ikibi cabaye, ingene watumye mutinya Imana, ingene watumye mugira icipfuzo gikomeye, ingene watumye mugira umwete n’ingene watumye musubiza ibintu mu buryo+! Muri vyose mwarerekanye ko mwera* ku bijanye n’ico kibazo. 12 Naho nabandikiye, sinabigize ku bw’uwakoze ikibi+ canke ku bw’uwagiriwe nabi, ahubwo nabigize kugira ngo umwete mufise wo kwumva ivyo tubabwira wibonekeze muri mwebwe imbere y’Imana. 13 Ni co gituma twahojejwe.
Ariko rero hambavu y’uruhoza twaronse, umunezero wa Tito watumye turushiriza kunezerwa cane, kubera ko mwese mwaruhuriye umutima wiwe. 14 Kuko nimba narabiratiye imbere yiwe, sinamaramaye. Mugabo nk’uko ivyo twababwiye vyose ari ukuri, ni ko n’ukwirata kwacu imbere ya Tito kwabonetse ko ari ukuri. 15 Vyongeye, iyo yibutse ukugamburuka kwanyu mwese+, ingene mwamwakiranye ugutinya n’ukujugumira, ikibabarwe abafitiye kirushiriza kugwira. 16 Ndanezerwa n’uko nshobora kubizigira* muri vyose.
8 Bavukanyi, dushaka rero ko mumenya ibijanye n’ubuntu buhebuje* Imana yagiriye amashengero y’i Masedwane+. 2 Igihe bari mu marushwa kubera ikigeragezo gikomeye, baratanze banezerewe cane naho bari mu bukene bwinshi. Ivyo vyarerekanye ko bafise umutima wo gutanga cane. 3 Batanze ivyo bashoboye+. Mbere ndemeza ko batanze ibirenze ivyo bashoboye+. 4 Baribwirije baguma batwinginga bashimitse rwose ngo baterwe iteka ryo gutanga n’umutima ukunze, ngo bagire uruhara mu gikorwa co gutabara aberanda+. 5 Kandi bakoze ibirenze ivyo twari twiteze, kuko babanje kwihebera Umukama hamwe natwe bisunze ivyo Imana igomba. 6 Ivyo vyatumye turemesha Tito+ yuko yosozera igikorwa co kwegeranya intererano mutangana umutima ukunze, narirya ari we yari yagitanguye iwanyu. 7 Yamara rero, muri abatunzi muri vyose: mu kwizera, mu bushobozi bwo kuvuga, mu bumenyi, mu mwete mwinshi mugaragaza no mu rukundo tubakunda. Ukwo nyene abe ari ko muba n’abatunzi mu bijanye n’ukwo gutangana umutima ukunze+.
8 Sindiko ndabategeka, mugabo ndabivuze kugira mumenye umwete abandi bafise, no kugira nsuzume yuko urukundo rwanyu ari urw’ukuri. 9 Kuko muzi ubuntu buhebuje bw’Umukama wacu Yezu Kristu, yuko naho yari umutunzi yacitse umukene ku neza yanyu+, kugira ngo mube abatunzi biciye ku bukene bwiwe.
10 Kandi muri ivyo ndatanga iciyumviro+: gukora ico gikorwa birabagirira akamaro kuko ubu hamaze guca umwaka mugitanguye, kandi mwarerekanye ko mushaka kugikora. 11 Nimurangize rero igikorwa mwatanguye gukora, kugira ngo ico mwipfuje gukora n’umutima ukunze mugishitse mwisunze uburyo mufise. 12 Kuko iyo umuntu afise umutima ukunze, ivyo atanga vyemerwa canecane hisunzwe ivyo afise+, ntihisungwa ivyo adafise. 13 Sinshaka gutuma abandi boroherwa namwe ngo bibagore. 14 Ahubwo nshaka yuko haba ukunganya, umusesekara mufise ubu ukuzuriza aho abandi bakehaniwe, maze umusesekara wabo na wo ukuzuriza aho mukehaniwe, gutyo hakaba ukunganya. 15 Nakare handitswe ngo: «Uwufise vyinshi ntiyagize umurengera, n’uwufise bikeyi ntiyakehaniwe+.»
16 Imana ishimwe rero kubona yaratumye Tito agira umutima wo kubitwararika cane nka twebwe+, 17 kuko yemeye ivyo twamuremesheje gukora, mugabo kubera abishashaye cane, agira aze iwanyu bimwiviriyeko. 18 Mugabo tumurungikanye na wa muvukanyi avugwa neza n’amashengero yose kubera ivyo akora mu bijanye n’inkuru nziza. 19 Uretse ivyo, yaranagenywe n’amashengero ngo tugirane ingendo mu gikorwa co gushikiriza ingabire yatanganywe umutima mwiza, kugira bininahaze Umukama, vyerekane kandi ko dufise umutima ukunze wo gufasha. 20 Gutyo turirinda ko hagira umuntu n’umwe adutora amahinyu mu bijanye n’intererano nyinshi turiko turitwararika+. 21 Kuko «twitwararika vyose ata bubeshi. Ntitubigira gusa imbere ya Yehova*, tubigira n’imbere y’abantu+.»
22 Tubarungikanye n’uwundi muvukanyi wacu twagerageje kenshi dusanga ni umunyamwete mu bintu vyinshi. Mugabo ubu ho afise umwete wiyongereye kuko abizigira cane. 23 Mugabo nihagira uwubaza ivyerekeye Tito, muramubwira ko ari mugenzanje* akaba n’uwo dukorana ku nyungu zanyu. Nihagira na ho uwubabaza ivyerekeye abavukanyi bazananye, muramubwira ko ari intumwa z’amashengero zituma Kristu aninahazwa. 24 Nimubereke rero ikimenyamenya c’uko mubakunda+, mwereke n’amashengero igituma twabiratiye.
9 Ku vyerekeye rero igikorwa co gufasha aberanda+, vy’ukuri ntibikenewe ko ndabandikira, 2 kuko nzi umutima ukunze mufise. Ndawiratira ku Banyamasedwane, nkababwira yuko intara ya Akaya imaze umwaka yiteguye, kandi umwete wanyu warakabuye benshi muri bo. 3 Mugabo ndungitse abavukanyi kugira ngo ivyo twavuze tubiratira ku vyerekeye uwo mutima ukunze mufise, ntibiboneke ko atari vyo. Ni ukugira kandi muzobe mwiteguye vy’ukuri, kuko nababwiye ko bazosanga mwiteguye. 4 Ahandiho, hamwe Abanyamasedwane bozanana nanje bagasanga mutiteguye twomaramara kubera twabizigiye, kandi na mwebwe mwomaramara. 5 Niyumviriye rero ko bikenewe ko nsaba abavukanyi ngo baze iwanyu imbere y’igihe kugira ngo bategure hakiri kare ingabire nyinshi mwemeye gutanga. Bizotuma dusanga iyo ngabire yateguwe maze biboneke ko mutayitanze mugoberewe, ahubwo ko mwayitanze n’umutima mwiza.
6 Mugabo muri ivyo, uwubiba isorosoro azokwimbura isorosoro, uwubiba vyinshi na we yimbure vyinshi+. 7 Umwe wese nagire nk’uko yavyiyemeje mu mutima wiwe, ntabigirane umwikomo* canke agoberewe+, kuko Imana ikunda uwutanga anezerewe+.
8 Vyongeye, Imana irashoboye kugwiza ubuntu buhebuje* bwose ibagirira, kugira ngo mwame mufise ibibakwiye muri vyose, mwongere mugire vyinshi ku bw’igikorwa ciza cose+. 9 (Nk’uko vyanditswe, «aratanga cane*, agafasha aboro. Ubugororotsi bwiwe bwamaho ibihe vyose+.» 10 Umwe rero avotororera umubivyi imbuto agatanga n’ibifungurwa vyo kurya, azotanga yongere agwize imbuto kugira ngo mubibe, kandi azotuma ivyimburwa vy’ubugororotsi bwanyu vyongerekana.) 11 Muri vyose muriko muratungishwa kugira mutange cane mu buryo bwose, bigatuma Imana ishimirwa biciye kuri twebwe. 12 Kuko intumbero y’iki gikorwa gikorerwa abantu atari iyo gutuma gusa aberanda baronswa neza ivyo bakeneye+. Gifise n’intumbero yo gutuma abantu benshi bashimira Imana cane. 13 Iki gikorwa co gutabara kirerekana umutima mufise. Bituma baninahaza Imana kubera yuko mukurikiza ivyo mwamamaza bijanye n’inkuru nziza yerekeye Kristu, no kubera yuko mubaha intererano mukaziha n’abandi bose mutitangiriye itama+. 14 Kandi bazotakambira Imana ku bwanyu berekane urukundo babakunda kubera ubuntu buhebuje bw’Imana mugirirwa.
15 Imana ishimwe kubera ingabire ya gusa itanga itagira uko yovugwa.
10 Jewe Pawulo ndabinginga rero biciye ku bwitonzi n’ubuntu bwa Kristu+, naho nciye bugufi igihe ndi kumwe namwe amaso mu yandi+, ariko nkabatinyuka iyo tutari kumwe+. 2 Ndabinginga kugira ngo igihe nzoba ndahari ntibize bibe ngombwa ko nkoresha ubutinyutsi, ngafatira ingingo ruhasha bamwebamwe batubona nk’aho tubaho twisunga umubiri. 3 Naho tubayeho mu mubiri, ntiturwana intambara twisunga ico turi mu mubiri. 4 Kuko ibirwanisho vy’intambara yacu atari ivy’umubiri+, ahubwo Imana ni yo ituma ibirwanisho vyacu bigira ububasha+ kugira dutembagaze ibintu bikomeye cane. 5 Turatembagaza ivyiyumviro n’ikintu cose gihanitse gihaguruka ngo kirwanye ubumenyi bw’Imana+, kandi iciyumviro cose turakigira imbohe kugira kigamburukire Kristu. 6 Kandi turiteguriye guhana ukugambarara kwose+, nimwamara kwerekana ko mugamburuka bimwe bishitse.
7 Mwebwe muraba ibintu mwisunze ukuntu biboneka inyuma. Nimba hari uwiyumvamwo neza ko yegukira Kristu, niyongere azirikane iki kintu: ukwo nyene yegukira Kristu, ni ko natwe tumwegukira. 8 Kuko naho nokwirata kanini ku vyerekeye ububasha Umukama yaduhaye bwo kububaka atari ubwo kubasambura+, sinomaramara. 9 Mu kuvuga ivyo, sinshaka ko mubona umengo ngerageza kubatera ubwoba biciye ku makete yanje. 10 Kuko bavuga ngo: «Amakete yiwe araremereye kandi afise inguvu, mugabo iyo ari ng’aha ubona akengeretse, n’ivyo avuga biragayitse.» 11 Abavuga ukwo nibamenye yuko ivyo tuvuga* biciye ku makete iyo tutahari ari na vyo tuzokora* nitwahishikira+. 12 Kuko tutubahuka kwishira mu mugwi umwe na bamwebamwe bishimagiza+ canke ngo twigereranye na bo. Mu gupima agaciro kabo bafatiye ku vyiyumviro vyabo bwite no mu kwigereranya bifatiyeko bo ubwabo, baba berekanye ko ata bwenge bagira+.
13 Mugabo twebwe ntituzokwiratira ibirenze ivyo twahawe gukora, ahubwo tuzokwiratira ivyo twakoreye mu cibare Imana yaduhaye* gishika n’iwanyu+. 14 Mu vy’ukuri, ntituriko turarenga akarimbi k’icibare twahawe nk’aho koba kadashika iwanyu, kuko twabaye aba mbere gushika iwanyu tuje kubamenyesha inkuru nziza yerekeye Kristu+. 15 Oya, ntituriko twirata inyuma y’imbibe twashingiwe, ngo twiratire akuya uwundi muntu yabize. Ahubwo twizigiye yuko ivyo twakoze bizoguma bitera imbere mu cibare cacu uko ukwizera kwanyu kuzobandanya kwongerekana. Tuzoheza dukore n’ibindi vyinshi, 16 maze tumenyeshe inkuru nziza mu bihugu vyo hirya yanyu, kugira ngo ntitwiratire ivyamaze gukorwa mu cibare c’uwundi. 17 «Mugabo uwirata, niyiratire Yehova*+.» 18 Kuko uwishimagiza atari we ashimwa+, ahubwo hashimwa uwo Yehova* ashimagiza+.
11 Icompa mukanyihanganira naho womengo singira ubwenge. Kandi ni ukuri muranyihanganira. 2 Ndi n’ishari ku biberekeye, ishari riva ku Mana*, kuko jewe ubwanje nasezeranye kubashingira ku mugabo umwe ngo ndabashikirize Kristu mumeze nk’umwigeme w’isugi atanduye*+. 3 Mugabo ndatinya yuko ubwenge bwanyu hari ukuntu bwohava bwononekara nka kumwe ya nzoka yaryosharyosha Eva ikoresheje urwenge+, mugasigara mutakiri abantu b’umutima ugororotse kandi batyoroye*, nk’uko bibereye imbere ya Kristu+. 4 Mvuze gutyo kuko iyo haje umuntu akamamaza uwitwa Yezu atandukanye n’umwe twebwe twamamaje, canke mukoshwa n’ivyiyumviro* bitandukanye n’ivyahora bibayobora*, canke hakaza uwubabwira inkuru nziza itandukanye n’iyo mwemeye+, biborohera kumwihanganira. 5 Kuko niyumvira yuko za ntumwa zanyu z’agahebuza, ata co zandushije mu buryo na bumwe+. 6 Ariko naho ntari umuhanga mu kuvuga+, ubumenyi bwo sindabubuze. Ivyo twarabiberetse mu buryo bwose no muri vyose.
7 Canke na ho, ko nabamenyesheje inkuru nziza y’Imana mpimbawe ata co murishe+, noba narakoze igicumuro mu kwicisha bugufi kugira ngo mwebwe mushirwe hejuru? 8 Ayandi mashengero narayamariyeko utwayo* ndemera imfashanyo yayo kugira ngo nkorere mwebwe+. 9 Yamara igihe nari kumwe namwe ngakena, nta n’umwe nabereye umuzigo, kuko abavukanyi bavuye i Masedwane bandonkeje ku bwinshi ivyo nari nkeneye+. Emwe, naririnze kubabera umuzigo mu buryo bwose, kandi nzobandanya gutyo+. 10 Ndarahiye ukuri kwa Kristu kuri muri jewe yuko ntazoreka kuvyiratira+ mu ntara z’i Akaya. 11 Kubera iki? Hoba ari kubera yuko ntabakunda? Imana irazi ko ndabakunda.
12 Mugabo ico ndiko ndakora nzobandanya kugikora+, kugira abarondera ico bafatirako* ngo baboneke ko bangana natwe mu vyo* biratira, ntibaronke icitwazo. 13 Kuko mwene abo bantu ari intumwa z’ikinyoma, abakozi bahenda abandi, bigira intumwa za Kristu+. 14 Kandi ivyo ntibitangaje, kuko na Shetani ubwiwe aguma yigira umumarayika w’umuco+. 15 Ntibitangaje rero ko n’abakozi biwe na bo nyene baguma bigira abakora ibigororotse. Ariko iherezo ryabo rizohwana n’ivyo bakora+.
16 Ndongeye kubivuga: ntihagire uwiyumvira ko ndi imburabwenge. Ariko nimba muvyiyumvira, nimunyemere rero nk’umuntu w’imburabwenge kugira ngo nanje nirate gatoya. 17 Sindiko ndavuga nk’uko Umukama yovuga, ahubwo ndiko mvuga nk’umuntu w’imburabwenge, yiyemera kandi yirata. 18 Ko benshi bariko barirata bisunze umubiri*, nanje ngira nirate. 19 Kubera ko mwiyumvira ko muri abanyabwenge, murihanganira abantu b’imburabwenge n’umutima mwiza. 20 Nkako, murihanganira uwo wese abagira abaja, uwo wese arotsa ivyanyu, uwo wese asahura ivyanyu, uwo wese yishira hejuru akabakengera, n’uwo wese abakubita mu maso.
21 Ivyo ndabivuze kugira tumaramare, kuko womengo twabaye goyigoyi.
Mugabo nimba abandi barinduka, na jewe ndarinduka. Ndiko mvuga nk’uwutagira ubwenge. 22 Ni Abaheburayo? Na jewe ndi we+. Ni Abisirayeli? Na jewe ndi we. Ni uruvyaro* rwa Aburahamu? Na jewe ni ukwo+. 23 Ni abasuku ba Kristu? Nishura nk’umusazi. Ndabarusha kuba umusuku: nakoze vyinshi kubarusha+, mpfungwa kenshi kubarusha+, nkubitwa inkoni zidaharurika, ngarukira ku cobo kenshi+. 24 Incuro zitanu narakubiswe n’Abayuda ibimoko 40 biburamwo kimwe+, 25 incuro zitatu nkubitwa inkoni+, incuro imwe nterwa amabuye+, incuro zitatu ubwato bunsabirako+, mara ijoro n’umurango hagati mu kiyaga. 26 Nama mu ngendo kenshi, mu kaga k’inzuzi, mu kaga k’abambuzi, mu kaga k’abo mw’ihanga ryacu+, mu kaga k’abo mu yandi mahanga+, mu kaga mu gisagara+, mu kaga mu gahinga, mu kaga mu kiyaga, no mu kaga mu bavukanyi b’ikinyoma. 27 Narakora cane nkabira akuya, nkarara maso kenshi+, ngasonza, nkanyoterwa+, kenshi nkabura ivyo ndya+, nkicwa n’imbeho, nkabura n’impuzu nambara*.
28 Turetse izo ngorane zinshikira, hariho ikindi kindaza ishinga uko bukeye uko bwije*: ni umwitwarariko ngira ku bw’amashengero yose+. 29 Iyo hagize uwugoyagoya, jeho sinca mererwa nabi*? Iyo hagize uwutsitara, ugira ntibinshavuza?
30 Nimba ari ngombwa ko nirata, nzokwiratira ivyerekana ubugoyagoye bwanje. 31 Ya Mana ikaba na Se w’Umukama Yezu, imwe ibwirizwa gushemagizwa ibihe vyose, irazi ko ntariko ndabesha. 32 I Damasiko buramatari agabwa n’umwami Areta, yari acunze igisagara c’Abanyadamasiko kugira amfate, 33 mugabo nururukirizwa mu giseke ncishijwe mw’idirisha ryo mu ruzitiro rw’igisagara+, ndamucika.
12 Mbwirizwa kwirata. Nta co bimaze mugabo ngira ntandukire ivy’ukubonekerwa+ be n’uguhishurirwa n’Umukama+. 2 Ndazi umuntu ari mu bumwe na Kristu yatwawe mw’ijuru rya gatatu, hakaba haciye imyaka 14. Nimba hari mu mubiri canke hatari mu mubiri sindabizi, bizi Imana. 3 Emwe, uwo muntu ndamuzi. Nimba hari mu mubiri canke hatari mu mubiri, sindabizi, bizi Imana. 4 Yaratwawe mw’iparadizo yumva amajambo atoshobora kuvugwa, amajambo ata muntu yemerewe kuvuga. 5 Nzokwiratira uwo muntu, mugabo sinzokwirata ubwanje. Nzokwiratira gusa ubugoyagoye bwanje. 6 Naho noshaka kwirata sinoba mbaye imburabwenge, kuko noba mvuga ukuri. Mugabo ndabiretse, kugira ngo ntihagire uwunyitirira ibirengeye ivyo ambonako canke anyumvana, 7 kubera gusa ivyo bintu bidasanzwe nahishuriwe.
Kugira ngo sinishire hejuru birenze urugero, narahawe ihwa mu mubiri+, umumarayika wa Shetani, ngo agume ankubita. Ni ukugira ngo sinishire hejuru birenze urugero. 8 Naringinze Umukama incuro zitatu ngo rimvemwo. 9 Ariko yambwiye ati: «Ubuntu buhebuje* ndakugirira burahagije, kuko ububasha bwanje bubonekera cane mu bugoyagoye bwawe+.» Nzokwiratira rero ubugoyagoye bwanje kugira ngo ububasha bwa Kristu bugume hejuru yanje nk’ihema. 10 Ndahimbarirwa rero ubugoyagoye, ibitutsi, ibihe vy’ubukene, uruhamo n’ingorane, ku bwa Kristu. Kuko iyo ngoyagoya ari ho ngira ububasha+.
11 Ncitse imburabwenge. Ni mwe mwatumye mera gutyo, kuko mwabwirizwa kuba mwaranshimagije. Nakare za ntumwa zanyu z’agahebuza nta co zandushije mu buryo na bumwe, naho ata co ndi+. 12 Mu vy’ukuri, naraberetse ivyemeza ko ndi intumwa ndabigiranye ukwihangana kwinshi+, biciye ku bimenyetso n’ibitangaza be n’ibikorwa vy’ububasha+. 13 None hari ico ayandi mashengero yagiriwe mwebwe mutagiriwe, uretse ko mwebwe ntababereye umuzigo+? Ndabasavye mumbabarire iryo kosa.
14 Raba! Iri ni irigira gatatu niteguriye kuza iwanyu kandi sinzobabera umuzigo, kuko ntariko ndondera ivyo mutunze+ ahubwo ndondera mwebwe. Nakare abana+ si bo bakwiye kuziganiriza abavyeyi, ahubwo abavyeyi ni bo baziganiriza abana. 15 Nayo jewe nzotanga ivyo mfise vyose mpimbawe rwose nongere nitange wese ku bwanyu+. Ko ndabakunda cane gutyo, abe ari jewe nkundwa buhoro? 16 Mugabo uko biri kwose, sinababereye umuzigo+. Yamara rero, muvuga ko nakoresheje «urwenge» be n’uko nabafashe «ku mayeri». 17 Noba narabarondeyeko inyungu biciye ku muntu n’umwe mu bo nabatumyeko? 18 Naringinze Tito ngo aze iwanyu, ndamurungikana n’uwundi muvukanyi. None hari inyungu Tito yabarondeyeko+? Mbega ntitwigenjeje nk’abantu bavyumva kumwe? Ntitwagendeye mu nzira imwe?
19 Mbega mumaze uwu mwanya wose mwiyumvira yuko turiko twiregura imbere yanyu? Turiko tuvugira imbere y’Imana nk’abunze ubumwe na Kristu. Mugabo ga bakundwa, vyose tubikora kugira tububake. 20 Ntinya yuko ninashika nzohava nsanga mutameze nk’uko nipfuza, nanje simere nk’uko mwipfuza, ahubwo riho ngasanga hari imiryano, ishari, ishavu, amahane, ukwambikana ibara, urusaku*, ukwihambaza, n’imivurungano. 21 Ninagaruka, hari aho Imana yanje yotuma maramara imbere yanyu, bigatuma ndirira benshi mu bari baracumuye mugabo batigaye ubuhumane bwabo, ubusambanyi* bwabo n’inyifato yabo iteye isoni kandi y’akagagazo*.
13 Iri rizoba rigira gatatu nje iwanyu. «Ikintu cose gitegerezwa gushingirwa intahe n’ivyabona bibiri canke bitatu+.» 2 Naho ntari kumwe namwe, ni nk’aho ndahari irigira kabiri. Mbaye ndagabisha abari baracumuye n’abandi bose, yuko ninaramuka ngarutse ntazobagirira akagongwe, 3 kuko murondera ikimenyamenya c’uko Kristu avuga biciye kuri jewe vy’ukuri. Kristu ntagoyagoya mu vyo abakorera, ahubwo arerekana ububasha bwiwe muri mwebwe. 4 Ego ni ko yaramanitswe ku giti bivuye ku bugoyagoye*, mugabo ni muzima bivuye ku bubasha bw’Imana+. Natwe turagoyagoya cokimwe na we, mugabo tuzobana na we+ kubera ububasha bw’Imana buri kuri mwebwe+.
5 Nimugume musuzuma yuko muri mu kwizera, mugume mwisuzuma ngo mwerekane ico mwebwe ubwanyu muri+. Mbega ntimuzi yuko Yezu Kristu yunze ubumwe namwe? Kiretse nimba mutemewe. 6 Ndizigiye ntakeka ko muzomenya yuko twemerwa.
7 Dusaba Imana rero yuko mutokora ikibi na kimwe. Si ukugira ngo tuboneke ko twemewe, ahubwo ni ukugira ngo mukore ivyiza, naho twoboneka ko tutemewe. 8 Kuko ata na kimwe dushobora gukora ngo turwanye ukuri, ahubwo dukora gusa ibishigikira ukuri. 9 Turanezerwa vy’ukuri igihe cose tugoyagoya mugabo mwebwe mukaba mufise ububasha. Kandi ico dusaba Imana ni uko mubogorwa. 10 Ni co gituma nanditse ibi bintu ntahari, kugira ngo ninahishikira sinze ndabakarire mu gukoresha ububasha Umukama yampaye+, ahubwo ndabukoreshe mu kwubaka atari mu gusambura.
11 Ubwa nyuma bavukanyi, mubandanye kunezerwa, kwemera kubogorwa, guhozwa+, kwiyumvira muhuza+ no kubaho mu mahoro+. Ya Mana y’urukundo n’amahoro+ izoheza ibane namwe. 12 Muramukanye mu kugumbirana n’igishika*. 13 Aberanda bose barabaramutsa.
14 Ubuntu buhebuje* bw’Umukama Yezu Kristu n’urukundo rw’Imana be n’impwemu nyeranda musangiye bibane namwe mwese.
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «iraturemesha.»
Canke «mu makuba.»
Canke «mu makuba.»
Canke «mu makuba.»
Mu kigiriki havuga ngo «bw’umubiri.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «mudasanzwe muzi neza.»
Mu kigiriki havuga ngo «gushika kw’iherezo.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «muhungukire kabiri.»
Yitwa kandi Silasi.
Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Canke «avanse», «ingwati y’ibizoza.»
Canke «amirwa.»
Canke «ntiduhendwe.»
Canke «intumbero», «imigambi.»
Mu kigiriki havuga ngo «mu Mukama.»
Canke «kumvikana.»
Canke «turondera inyungu kw’ijambo ry’Imana.»
Mu kigiriki havuga ngo «ku bisate vy’inyama, ku mitima.»
Canke «yasaruwe.»
Raba Inyongera ya A5.
Raba Inyongera ya A5.
Raba Inyongera ya A5.
Raba Inyongera ya A5.
Mu kigiriki havuga ngo «tukava mu buninahazwa tukaja mu buninahazwa.»
Raba Inyongera ya A5.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «impwemu ya Yehova.»
Canke «y’iki gihe.» Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).
Canke «ugukayangana.»
Canke «mu vyombo vy’ivu.»
Canke «ntitubura icanzo.» Hashobora kandi kuvugwa ngo «ntitwihebura.»
Biboneka ko urwo rupfu rusobanura imibabaro yashikiye Yezu n’akaga k’urupfu kari kamuhanze.
Mu kigiriki havuga ngo «impwemu y’ukwizera.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «ibigeragezo.»
Mu kigiriki havuga ngo «buremereye.»
Canke «avanse», «ingwati y’ibizoza.»
Canke «kugaragazwa.»
Canke «vy’agahomerabunwa.»
Canke «mugabo twarashizwe ahabona imbere y’Imana.»
Canke «ko n’imbere y’ijwi ryanyu ryo mu mutima twashizwe ahabona.»
Mu kigiriki havuga ngo «tumenya.»
Canke «ishikanwa ry’igicumuro.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Bishobora kuba vyari ivyo kwivuna umwansi.
Bishobora kuba vyari ivyo kwikingira umwansi.
Canke «nk’abakwiriye gupfa.»
Canke «nk’abatojwe indero.»
Mu kigiriki havuga ngo «akanwa kacu karabugurukiye.»
Canke «ikibabarwe.»
Canke «nimwaguke.»
Canke «ntimuboherwe ku ngogo imwe n’abatemera kandi mudahuje.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).
Iryo zina ryerekeza kuri Shetani. Rikomoka kw’ijambo ry’igiheburayo risobanura «imburakimazi.»
Raba Inyongera ya A5.
Raba Inyongera ya A5.
Mu kigiriki havuga ngo «umubiri wacu waronse.»
Mu kigiriki havuga ngo «n’umwete mumfitiye.»
Canke «mutanduye.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «kugira umutima rugabo kubera mwebwe.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Raba Inyongera ya A5.
Mu kigiriki havuga ngo «uwo dufadikanya.»
Canke «ntabigire agonanwa.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «atitangiriye itama.»
Mu kigiriki havuga ngo «ico turi mw’ijambo.»
Mu kigiriki havuga ngo «ari na co tuzoba mu bikorwa.»
Canke «yadupimiye.»
Raba Inyongera ya A5.
Raba Inyongera ya A5.
Mu kigiriki havuga ngo «umwete w’Imana.»
Canke «atyoroye.»
Canke «batanduye.»
Mu kigiriki havuga ngo «mukaronka impwemu.»
Mu kigiriki havuga ngo «n’impwemu mwaronse.»
Mu kigiriki havuga ngo «narayambuye.»
Canke «icitwazo.»
Canke «mw’ibanga.»
Ni ukuvuga bisunze uko abantu babona ibintu.
Mu kigiriki havuga ngo «urubuto.»
Mu kigiriki havuga ngo «nkagenda gusa.»
Canke «kindemera buri musi.»
Mu kigiriki havuga ngo «ngoyagoya.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «ukuvuga ubwongoshwe.»
Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.
Mu kigiriki ni aselgeia. Raba Insiguro y’amajambo.
Ni ubugoyagoye bwatewe no kuba yari umuntu.
Mu kigiriki havuga ngo «muramukanishe ugusomana kweranda.»
Raba Insiguro y’amajambo.