ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • nwt Zekariya 1:1-14:21
  • Zakariya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Zakariya
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Zakariya

ZAKARIYA

1 Mu kwezi kugira umunani, mu mwaka ugira kabiri Dariyo aganza+, Yehova yavuganye n’umuhanuzi Zakariya*+ mwene Berekiya, Berekiya mwene Ido, amubwira ati: 2 «Jewe Yehova narashavuriye cane ba so+.

3 Ubabwire uti: “Yehova Nyeningabo avuze ati: ‘“Nimungarukeko”, ni ko Yehova Nyeningabo avuze, “nanje nzobagarukako+”, ni ko Yehova Nyeningabo avuze.’”

4 “Ntimube nka ba so, bamwe abahanuzi b’aho hambere babwiye ngo: ‘Yehova Nyeningabo avuze ati: “Ndabinginze muhebe ingeso* zanyu mbi n’ibikorwa vyanyu bibi+.”’”

“Mugabo ntibumvirije kandi ntibanteze ugutwi+”, ni ko Yehova avuze.

5 “None ubu ba so bari hehe? Abahanuzi bobo boba barabayeho ibihe bidahera? 6 Ariko ivyo navuze n’amategeko nahaye abasavyi banje b’abahanuzi, mbega ba so ntibabonye ingene vyarangutse+?” Barangarutseko rero, bavuga bati: “Yehova Nyeningabo yadukoreye ibihuye n’ingeso zacu be n’ivyo dukora, nk’uko yari yariyemeje kubigira+.”»

7 Ku musi ugira 24 w’ukwezi kugira 11 kwitwa Shebati*, mu mwaka ugira kabiri Dariyo aganza+, Yehova yaravuganye n’umuhanuzi Zakariya mwene Berekiya, Berekiya mwene Ido. Zakariya yavuze ati: 8 «Mw’ijoro nareretswe. Hari umugabo agendera kw’ifarasi itukura, akaba yari ahagaze mu biti vy’imihadasi* mu manga. Inyuma yiwe hari amafarasi atukura, ay’akagajo n’ayera.»

9 Nuko mvuga nti: «Abo ni bande ga mukama?»

Umumarayika yariko avugana nanje aca anyishura ati: «Ndakwereka abo ari bo.»

10 Maze nya mugabo yari ahagaze mu biti vy’imihadasi avuga ati: «Abo ni abo Yehova yatumye kugendagenda mw’isi.» 11 Nuko babwira nya mumarayika wa Yehova yari ahagaze mu biti vy’imihadasi bati: «Twagendagenze mw’isi dusanga isi yose iratekanye, ata kiyihungabanya+.»

12 Nya mumarayika wa Yehova avuga rero ati: «Ewe Yehova Nyeningabo, uzogeza ryari kutagirira imbabazi Yeruzalemu n’ibisagara vy’Ubuyuda+? Wamaze imyaka* 70 uhashavuriye+.»

13 Yehova yishura nya mumarayika yariko avugana nanje, amwishura amajambo meza, ahumuriza. 14 Uwo mumarayika yariko avugana nanje araheza ambwira ati: «Semerera uti: “Yehova Nyeningabo avuze ati: ‘Nzorwanira Yeruzalemu na Siyoni n’umwete mwinshi+. 15 Mfitiye ishavu ryinshi amahanga yitekaniye+, kuko nashavuye buhoro+ ariko yoyo agasongera isibe+.’”

16 Ibi rero ni vyo Yehova avuze: “‘Nzogarukira Yeruzalemu ndayigirire imbabazi+ kandi inzu yanje izokwubakwayo+’, ni ko Yehova Nyeningabo avuze. ‘I Yeruzalemu hazopimishwa umugozi+.’”

17 Subira usemerere uti: “Yehova Nyeningabo avuze ati: ‘Ibisagara vyanje bizokwongera gusesekara ivyiza kandi Yehova azokwongera guhoza Siyoni+, asubire guhitamwo Yeruzalemu+.’”»

18 Maze ndaramura amaso, mbona amahembe ane+. 19 Mbaza rero umumarayika yariko avugana nanje nti: «Ivyo ni ibiki?» Na we yishura ati: «Ayo ni amahembe yashwiragije abo mu Buyuda+, muri Isirayeli+ n’i Yeruzalemu+.»

20 Yehova aca anyereka abanyamyuga bane b’abahinga. 21 Nca mbaza nti: «Abo baje gukora iki?»

Avuga ati: «Ayo ni amahembe yashwiragije abo mu Buyuda ku buryo ata n’umwe yashoboye kuvyura umutwe. Abo bantu rero bazoza kuyatera ubwoba, batsinde hasi amahembe y’amahanga. Ayo mahanga yaradugije amahembe, arwanya igihugu c’Ubuyuda kugira ashwiragize ababayo.»

2 Nuko ndaramuye amaso, mbona umugabo afise umugozi wo gupimisha+ mu kuboko. 2 Ndamubaza rero nti: «Ugiye hehe?»

Anyishura ati: «Ngiye gupima Yeruzalemu kugira ngo ndabe ubwaguke bwayo n’uburebure bwayo+.»

3 Maze uwo mumarayika yariko avugana nanje aragenda, uwundi mumarayika aza guhura na we. 4 Hanyuma amubwira ati: «Iruka hariya ubwire urya musore uti: “‘Yeruzalemu bazosubira kuyibamwo+ ari nk’akarere katazitiye ko mu gihugu hagati, kubera ubwinshi bw’abantu n’ibitungwa bizoba biriyo+. 5 Nzoyibera uruzitiro rw’umuriro ruyikikuza+’, ni ko Yehova avuze, ‘kandi nzoyuzuza ubuninahazwa bwanje+.’”»

6 «Ingo! Ingo! Nimuhunge muve mu gihugu co mu buraruko+», ni ko Yehova avuze.

«Kuko nabashwiragirije ku mpande zine z’isi*+», ni ko Yehova avuze.

7 «Ingo Siyoni! Hunga, wewe ubana n’umukobwa wa Babiloni+. 8 Kuko Yehova Nyeningabo amaze kuninahazwa*, yantumye ku mahanga yahora abanyaga+. Avuze ati: “Uwubakozeko aba akoze ku mbone y’ijisho ryanje+. 9 Kuko ngira nzungagize ukuboko ndayarwanye, asahurwe n’abashumba bayo+.” Namwe muzomenya vy’ukuri yuko Yehova Nyeningabo ari we yantumye.

10 Ewe mukobwa wa Siyoni*+, niwihe akamo k’umunezero kuko nje+ kandi nzoba hagati muri wewe+», ni ko Yehova avuze. 11 «Amahanga menshi azokwifatanya na Yehova kuri uwo musi+, abantu bayabamwo babe abantu banje. Nzoba hagati muri wewe.» Nawe uzomenya vy’ukuri yuko Yehova Nyeningabo ari we yakuntumyeko. 12 Yehova azokwigarurira Ubuyuda, bumubere umugabane ku butaka bweranda, kandi azokwongera guhitamwo Yeruzalemu+. 13 Abantu bose* nibacereze imbere ya Yehova, kuko avuye ahantu heranda aba ngo agire ico akoze.

3 Nuko anyereka umuherezi mukuru Yosuwa+ ahagaze imbere y’umumarayika wa Yehova. Shetani+ yari ahagaze iburyo bwiwe kugira ngo amurwanye. 2 Maze uwo mumarayika wa Yehova abwira Shetani ati: «Ewe Shetani, Yehova nagucire urubanza*+, emwe Yehova nagucire urubanza*, we yahisemwo Yeruzalemu+! Mbega uwo mugabo si igishirira cokowe mu muriro?»

3 Yosuwa yari yambaye impuzu zicafuye, ahagaze imbere y’uwo mumarayika. 4 Uwo mumarayika abwira abari bahagaze imbere yiwe ati: «Nimumukure izo mpuzu zicafuye.» Maze amubwira ati: «Raba! Ndagukuyeko ikosa ryawe, kandi ugira wambikwe impuzu nziza*+.»

5 Nca mvuga nti: «Niyambikwe igitambara gisukuye bazingira mu mutwe+.» Nuko bamwambika ico gitambara gisukuye, bamwambika n’impuzu. Uwo mumarayika wa Yehova yari ahagaze ng’aho. 6 Uwo mumarayika wa Yehova aca abwira Yosuwa ati: 7 «Yehova Nyeningabo avuze ati: “Niwagendera mu nzira zanje, ugashitsa ivyo nakujeje, uzocira imanza rero abo mu nzu yanje+ witwararike* n’ibigo vyanje. Nzotuma uba umwishikira muri aba bahagaze ng’aha.”

8 “Ewe Muherezi mukuru Yosuwa, ndakwinginze wumvirize, wewe na bagenzawe bicaye imbere yawe, kuko muri ikimenyetso c’ibizoba. Raba! Ngira nzane umusavyi wanje+ yitwa Munago+. 9 Raba ibuye nshize imbere ya Yosuwa. Kuri iryo buye rimwe hari amaso indwi. Ngira ndarisarureko ivyandiko kandi mu musi umwe nzokuraho ikosa ry’ico gihugu+”, ni ko Yehova Nyeningabo avuze.

10 Yehova Nyeningabo avuze ati: “Kuri uwo musi, umwe wese muri mwebwe azotumira mugenziwe ngo aze munsi y’umuzabibu wiwe no munsi y’igiti ciwe c’umusukoni+.”»

4 Wa mumarayika yariko avugana nanje aragaruka arankangura, nka kurya bakangura umuntu mw’itiro. 2 Nuko ambwira ati: «Ubona iki?»

Nanje nti: «Mbona ico baterekako amatara, cose gikozwe mu nzahabu+, hejuru yaco hakaba hari ibakure. Kiriko n’amatara indwi+, emwe indwi, kandi ayo matara ari hejuru yaco afise imiringoti indwi. 3 Iruhande yaco hari ibiti bibiri vy’imyelayo*+, kimwe iburyo bw’iyo bakure, ikindi ibubamfu.»

4 Maze mbaza uwo mumarayika yariko avugana nanje nti: «Ibi bisobanura iki ga mukama wanje?» 5 Uwo mumarayika yariko avugana nanje ambaza rero ati: «Ntuzi ico ivyo bisobanura?»

Nanje nti: «Oya, mukama wanje.»

6 Aca ambwira ati: «Yehova abwiye Zerubabeli ati: “‘Ntibizoba kubera inguvu za gisirikare canke kubera ububasha+, ahubwo bizoba kubera impwemu yanje+’, ni ko Yehova Nyeningabo avuze. 7 Uri iki ga wa musozi munini? Imbere ya Zerubabeli+ uzoba ikiyaya*+. Azozana ibuye ryo hejuru rihereza*, hariko havuzwa impundu ngo: ‘Ewe kuntu ari ryiza! Ewe kuntu ari ryiza!’”»

8 Yehova yongera kumbwira ati: 9 «Amaboko ya Zerubabeli ni yo yashinze umushinge w’iyi nzu+, kandi ni yo azoyisozera+. Muzomenya vy’ukuri yuko Yehova Nyeningabo ari we yabantumyeko. 10 Ni nde yagaye ibikorwa bitobito bikorwa mu misi y’intango*+? Bazonezerwa bongere babone inivo* mu kuboko kwa Zerubabeli. Ayo* indwi ni amaso ya Yehova anyuragira mw’isi yose+.»

11 Nca ndamubaza nti: «Birya biti vy’imyelayo bibiri biri iburyo n’ibubamfu bwa kirya baterekako amatara+, bisobanura iki?» 12 Nongera kumubaza nti: «Turya dushami* tubiri tw’ibiti vy’imyelayo tuvamwo amazi asa n’inzahabu aca muri irya miringoti ibiri y’inzahabu, twotwo dusobanura iki?»

13 Nuko ambaza ati: «Ntuzi ico ivyo bisobanura?»

Nishura nti: «Oya, mukama wanje.»

14 Avuga ati: «Turya ni bamwe babiri Imana yatoye*, bahagaze iruhande y’Umukama w’isi yose+.»

5 Nongera kuraramura amaso, maze mbona umuzingo uguruka. 2 Ambaza ati: «Ubona iki?»

Nishura nti: «Mbona umuzingo uguruka w’uburebure bw’intambwe* 20, n’ubwaguke bw’intambwe 10.»

3 Maze ambwira ati: «Uwo ni umuvumo ugiye kw’isi yose, kuko uwiba wese+, nk’uko vyanditswe ku ruhande rumwe rw’uwo muzingo, atahanywe. N’uwurahira wese+, nk’uko vyanditswe ku rundi ruhande, ntiyahanywe. 4 Yehova Nyeningabo avuze ati: “Ndawurungitse kandi uzokwinjira mu nzu y’igisuma no mu nzu y’uwurahira ibinyoma mw’izina ryanje. Uzoguma muri iyo nzu uyitikize n’ibiti vyayo n’amabuye yayo.”»

5 Nuko wa mumarayika yariko avugana nanje aregera, ambwira ati: «Ndakwinginze uraramure amaso, urabe kirya kije ico ari co.»

6 Nca mbaza nti: «Ni igiki?»

Anyishura ati: «Ico ni igiseke ca efa* kije.» Yongerako ati: «Ukwo ni ko ababisha basa mw’isi yose.» 7 Maze mbona umurumyo w’umuzingi ukozwe mu butare bw’isasu ukuweko. Hari umugore yari yicaye muri ico giseke. 8 Nuko avuga ati: «Uwu yitwa Bubisha.» Hanyuma asubira kumuterera muri nya giseke ca efa, aca aterera ku munwa waco uwo murumyo uremereye wo mu butare bw’isasu.

9 Maze ndaramura amaso, mbona abagore babiri bariko baraza baguruka mu muyaga. Bari bafise amababa nk’ay’agasoza. Baca baterura nya giseke bakijana mu kirere*. 10 Mbaza rero uwo mumarayika yariko avugana nanje nti: «Kirya giseke ca efa bakijanye he?»

11 Anyishura ati: «Mu gihugu ca Shinari*+. Bazomwubakirayo inzu. Nibayirangiza, bazomushirayo, mu kibanza akwiriye.»

6 Nuko nongera kuraramura amaso, mbona imikogote ine ije iva hagati y’imisozi ibiri. Yari imisozi y’umujumpu. 2 Umukogote wa mbere wari ufise amafarasi atukura, uwa kabiri na wo amafarasi yirabura+. 3 Umukogote wa gatatu wari ufise amafarasi yera, uwa kane na wo amafarasi y’utudorodonzi n’ay’amabara avangavanze+.

4 Maze mbaza wa mumarayika yariko avugana nanje nti: «Ivyo ni ibiki ga mukama wanje?»

5 Uwo mumarayika anyishura ati: «Izo ni impwemu+ zine zo mw’ijuru zije ziva aho zari zihagaze imbere y’Umukama w’isi yose+. 6 Umukogote ufise amafarasi yirabura uriko uja mu gihugu co mu buraruko+. Amafarasi yera ariko aja hakurya y’ikiyaga, ay’utudorodonzi na yo ariko aja mu gihugu co mu bumanuko. 7 Ay’amabara avangavanze ashashaye kugendagenda mw’isi.» Maze ayabwira ati: «Hogi, nimugendagende mw’isi.» Ayo mafarasi atangura rero kugendagenda mw’isi.

8 Nuko arampamagara, ambwira ati: «Raba! Ariya mafarasi agiye mu gihugu co mu buraruko, ni yo yatumye impwemu ya Yehova iruhukira mu gihugu co mu buraruko.»

9 Yehova yongera kumbwira ati: 10 «Uzoje gutora ivyo Heludayi, Tobiya na Yedaya bazanye babihawe n’abari mu bunyagano. Kuri uwo musi, uzoce uja kwa Yosiya mwene Zefaniya ujanye n’abo baje bava i Babiloni. 11 Uze ufate ifeza n’inzahabu ukore urugori*, hanyuma urushire ku mutwe wa Yosuwa+ mwene Yehozadaki, umuherezi mukuru. 12 Maze umubwire uti:

“Yehova Nyeningabo avuze ati : ‘Uyu mugabo yitwa Munago+. Azonagira mu kibanza ciwe, kandi azokwubaka urusengero rwa Yehova+. 13 Ni we azokwubaka urusengero rwa Yehova, kandi ni we azohabwa icubahiro. Azokwicara ku ntebe yiwe y’ubwami aganze, abe n’umuherezi ku ntebe yiwe y’ubwami+. Ayo mabanga yompi* azohuza*. 14 Urwo rugori* ruzoshirwa mu rusengero rwa Yehova rube icibutso c’ivyo Helemu, Tobiya, Yedaya+ na Heni mwene Zefaniya bakoze. 15 Kandi abari kure bazoza bafashe mu kwubaka urusengero rwa Yehova.’ Maze muzomenya vy’ukuri yuko Yehova Nyeningabo yabantumyeko. Ivyo bizoba, nimwumviriza ijwi rya Yehova Imana yanyu.”»

7 Mu mwaka ugira kane umwami Dariyo aganza, Yehova avugana na Zakariya+ ku musi ugira kane w’ukwezi kugira icenda kwitwa Kisilevu*. 2 Abantu b’i Beteli barungika Shareseri na Regemu-Meleki n’abantu biwe kugira batakambire Yehova, 3 babwire abaherezi bo mu nzu* ya Yehova Nyeningabo n’abahanuzi bati: «Mbega tuzorire mu kwezi kugira gatanu+, twiyime n’ibifungurwa, nk’uko tumaze imyaka myinshi tubigira*?»

4 Yehova Nyeningabo yongera kumbwira ati: 5 «Bwira abanyagihugu bose n’abaherezi uti: “Hamwe mwahora mwisonzesha mwongera muboroga mu kwezi kugira gatanu no mu kugira indwi+, mukabigira mu myaka 70+, mbega vy’ukuri mwisonzesha kugira munezereze? 6 Hamwe mwahora murya mwongera munywa, mbega ntimwabigira kugira gusa mwinezereze? 7 Mbega ntimwari mukwiye kugamburuka ivyo Yehova yavuze biciye ku bahanuzi ba kera+? Ico gihe abantu bari bakiri i Yeruzalemu no mu bisagara bihakikuje kandi hari amahoro. Ico gihe kandi abantu bari bakiba i Negebu no mu karere ka Shefela.”»

8 Yehova yongera kubwira Zakariya ati: 9 «Yehova Nyeningabo avuze ati: “Nimuce imanza mukoresheje ubutungane nyakuri+ kandi mugiriranire ubuntu*+ n’imbabazi. 10 Ntimuzurume* umupfakazi canke impfuvyi*+, umunyamahanga+ canke umukene+, kandi ntimutegure mu mitima yanyu imigambi yo kugiriranira nabi+.” 11 Mugabo bagumye banka kwumviriza+, bantera ibitugu n’akagagazo+, bariziba amatwi ngo ntibumve+. 12 Bakomantaje umutima wabo nka diyama*+, banka kugamburuka amategeko* n’amajambo Yehova Nyeningabo yarungitse akoresheje impwemu yiwe, biciye ku bahanuzi ba kera+. Vyatumye Yehova Nyeningabo ashavura cane+.»

13 «Yehova Nyeningabo avuze ati: “Kurya nabahamagaye* ntibumvirize+, ni ko na bo bahamagaye sinumvirize+. 14 Narabasanzaje mu mahanga yose batamenye+ nkoresheje igihuhusi, igihugu gisigara ari umusaka bamaze kukivamwo. Nta n’umwe yagicamwo canke yakigarukamwo+. Ivyo vyabaye kubera igihugu ciza bari bakigize akajoreza.”»

8 Yehova Nyeningabo yongera kumbwira ati: 2 «Ibi ni vyo Yehova Nyeningabo avuze: “Nzorwanira Siyoni n’umwete mwinshi+. Nzoharwanira ndabigiranye umwete, mfise uburake bwinshi.”»

3 «Yehova avuze ati: “Nzogaruka i Siyoni+ mbe i Yeruzalemu+. Yeruzalemu izokwitwa igisagara kirangwa n’ukuri*+, umusozi wa Yehova Nyeningabo na wo witwe umusozi mweranda+.”»

4 «Yehova Nyeningabo avuze ati: “Abatama n’abatamakazi bazosubira kwicara mu bibanza rusangi vy’i Yeruzalemu, umwe wese yishimikije inkoni kubera imyaka myinshi*+. 5 Kandi ibibanza rusangi vy’ico gisagara bizokwuzura abahungu n’abakobwa babikiniramwo+.”»

6 «Yehova Nyeningabo avuze ati: “Naho ico gihe abazoba basigaye muri aba bantu bazobona umenga ntibishoboka, ugira ngo no kuri jewe bizoba bidashoboka?”, ni ko Yehova Nyeningabo avuze.»

7 «Yehova Nyeningabo avuze ati: “Ngira nkize abantu banje ndabakure mu bihugu vyo mu buseruko no mu burengero*+. 8 Nzobazana babe i Yeruzalemu+. Bazoba abantu banje, nanje ndababere Imana+ irangwa n’ukuri* be n’ubugororotsi.”»

9 «Yehova Nyeningabo avuze ati: “Amaboko yanyu nakomere*+, mwebwe ubu mwumva amajambo ava mu kanwa k’abahanuzi+, ya majambo nyene yavugwa umusi hashingwa umushinge w’inzu ya Yehova Nyeningabo kugira ngo urusengero rwubakwe. 10 Kuko imbere y’aho ata muntu canke igitungwa vyaronka impembo+. Uruja n’uruza rwarimwo akaga kubera umwansi, kuko umwe wese namushuhurira kuri mugenziwe.”

11 “Ariko ubu abasigaye muri aba bantu sinzobagirira nk’uko nagize kera+”, ni ko Yehova Nyeningabo avuze. 12 “Hazobibwa imbuto y’amahoro. Umuzabibu uzokwama ivyamwa, isi yimbuke+ n’ijuru ritange urume. Nzotuma abasigaye muri aba bantu batorana ivyo bintu vyose+. 13 Yemwe abo mu Buyuda n’abo muri Isirayeli, naho mwabaye umuvumo mu mahanga+, nzobakiza mucike umuhezagiro+. Ntimutinye+. Amaboko yanyu nakomere*+.”

14 Yehova Nyeningabo avuze ati: “‘Nk’uko nari niyemeje kubateza ivyago kubera ba sogokuruza banyu banshavuza kandi nkabigira*+’, ni ko Yehova Nyeningabo avuze, 15 ‘ni ko n’ubu niyemeje gukorera iciza ab’i Yeruzalemu no mu Buyuda+. Ntimutinye+.’”

16 “Ibi ni vyo mukwiye gukora: muvugane ukuri+ kandi mu marembo y’ibisagara vyanyu muce imanza ziremesha ukuri n’amahoro+. 17 Ntimutegure mu mitima yanyu umugambi wo kugiriranira nabi+, kandi ntimukunde indahiro z’ikinyoma+, kuko ivyo vyose ndavyanka+”, ni ko Yehova avuze.»

18 Yehova Nyeningabo yongera kumbwira ati: 19 «Ibi ni vyo Yehova Nyeningabo avuze: “Ukwisonzesha kwo mu kwezi kugira kane+, ukwo mu kwezi kugira gatanu+, ukwo mu kwezi kugira indwi+ n’ukwo mu kwezi kugira cumi+, kuzoba ari akaryo ko kwigina no kunezerwa+ ku baba mu Buyuda, imisi mikuru y’umunezero. Nimukunde rero ukuri n’amahoro.”

20 Yehova Nyeningabo avuze ati: “Abantu bo mu mahanga atandukanye n’ababa mu bisagara vyinshi bazoza ata kabuza. 21 Ababa mu gisagara kimwe bazoja ku baba mu kindi, bavuge bati: ‘Tabaranya tuje gutakambira Yehova no kurondera Yehova Nyeningabo. Natwe tuzogenda+.’ 22 Abantu benshi n’amahanga akomeye bazoza i Yeruzalemu kurondera Yehova Nyeningabo+, baze no gutakambira Yehova.”

23 Yehova Nyeningabo avuze ati: “Muri iyo misi, abantu cumi bo mu ndimi zose z’amahanga+ bazofata ikanzu* y’Umuyuda*, emwe bazoyifata bayigumye bavuge bati: ‘Dushaka kujana namwe+, kuko twumvise yuko Imana iri kumwe namwe+.’”»

9 Ibi ni vyo Imana imenyesheje:

«Ng’ubu ubutumwa bwa Yehova bwerekeye igihugu ca Haduraki,

bukaba bugenewe Damasiko*+,

kuko Yehova ashinze ijisho abantu+

n’imiryango yose ya Isirayeli.

 2 Bwerekeye kandi Hamati+ bihana urubibe,

hamwe na Tiro+ na Sidoni+, kuko bigira inkerebutsi cane+.

 3 Ab’i Tiro biyubakiye igihome*.

Barunze ifeza nk’umukungugu,

barunda inzahabu nk’urwondo rwo mu mabarabara+.

 4 Raba! Yehova azobaka ivyo batunze,

ahonereze ingabo zabo mu kiyaga*+.

Ico gisagara kizotikizwa n’umuriro+.

 5 Ab’i Ashikeloni bazobibona batinye.

Ab’i Gaza bazogira intuntu nyinshi.

N’ab’i Ekuroni ni ukwo, kuko ico bari bizigiye camaramaye.

Umwami azozimangana i Gaza,

kandi i Ashikeloni nta wuzohaba+.

 6 Umwana w’ikivyarwa azoba i Ashidodi,

kandi nzokuraho ubwishime bw’Umufilisitiya+.

 7 Nzokura mu kanwa k’Umufilisitiya ibintu vyandujwe n’amaraso,

ndamukure mu menyo ibintu bisesemye,

kandi abiwe bazosigara bazoba ab’Imana yacu.

Azoba nk’umutware* mu Buyuda+,

ab’i Ekuroni bamere nk’Abayebusi+.

 8 Nzokambika ndinde inzu yanje*+,

ku buryo ata wuzohaca canke ahagaruke.

Nta wukoresha abandi ibikorwa* azosubira kuhaca+,

kuko ubu ndavyiboneye* n’amaso yanje.

 9 Nezerwa cane mukobwa wa Siyoni.

Niwihe akaruru k’intsinzi mukobwa wa Yeruzalemu.

Raba! Umwami wawe araje iwawe+.

Ni umugororotsi kandi azanye ubukiriro*.

Aricisha bugufi+, kandi aje agendera ku ndogobwa,

ku ndogobwa ikiri ntoyi* yavyawe n’indogobwa y’ingore+.

10 Nzokura muri Efurayimu imikogote y’intambara,

nkure n’amafarasi i Yeruzalemu.

Imiheto y’urugamba izokurwaho.

Amahanga azoyatangariza amahoro+.

Azoganza kuva ku kiyaga gushika ku kindi,

no kuva kuri rwa ruzi runini* gushika ku mpera z’isi+.

11 Nayo wewe ga mugore, biciye ku maraso y’isezerano wagize,

abantu bawe bagizwe imbohe nzobakura mu cobo kitarimwo amazi+.

12 Yemwe mbohe zifise icizigiro+, nimugaruke ahantu hakingijwe ibihome bikomeye.

Uyu musi ndakubwiye nti:

“Ewe wa mugore, nzokwishura imigabane ibiri+.

13 Nzofora Ubuyuda* nk’umuheto wanje.

Nzoshira Efurayimu ku muheto nk’umwampi,

mpagurutse abana bawe, ewe Siyoni,

barwanye abana bawe, ewe Bugiriki.

Nzokugira nk’inkota y’umurwanyi, ewe Siyoni.”

14 Yehova azoboneka hejuru yabo,

kandi umwampi wiwe uzofyiruka nk’umuravyo.

Umukama Segaba Yehova azovuza inzamba+,

ajane n’ibihuhusi vyo mu bumanuko.

15 Yehova Nyeningabo azobarwanira,

kandi bazomira bongere baneshe amabuye atezwa imigozi+.

Bazonywa bashwashwanuke, nk’abanyoye umuvinyu.

Bazokwuzura nk’ibakure,

nk’imfuruka z’igicaniro+.

16 Kuri uwo musi, Yehova Imana yabo azobakiza,

akize ubusho bwiwe, abantu biwe+.

Bazoba nk’amabuye y’agaciro yo ku rugori, aca ibibatsi ku butaka bwiwe+.

17 Ewe kuntu ukumera neza kwiwe ari kwinshi+!

Ewe kuntu ubwiza bwiwe ari bwinshi!

Intete zizotuma imisore ikomera,

umuvinyu mushasha utume abigeme b’isugi bakomera+.»

10 «Nimusabe Yehova imvura mu gihe c’imvura y’impeshi.

Yehova ni we ashiraho ibicu vy’imvura y’igihuhusi,

agaha abantu imvura+,

umwe wese akamuha ibimera mu murima.

 2 Kuko ibigirwamana vy’umuryango* vyavuze ibintu vy’ububeshi*,

n’abaraguzi berekwa ibinyoma.

Bigana indoto ata co zimaze,

bakagerageza guhoza abantu, ntihagire ikivamwo.

Ni co gituma bazokwangara nk’intama,

bazomererwa nabi kuko ata mwungere ariho.

 3 Mfitiye abungere ishavu rirurumba,

kandi nzogira ico mbaza indongozi zicinyiza abandi*,

kuko Yehova Nyeningabo yitayeho ubusho bwiwe+, ni ukuvuga abo mu Buyuda.

Yabagize nk’ifarasi yiwe y’icubahiro iri mu rugamba.

 4 Mu Buyuda ni ho hava umukuru*,

ni ho hava umutegetsi abushigikira*,

ni ho hava umuheto w’urugamba,

ni na ho hava abahagarikizi* bose. Abo bose ni ho bava.

 5 Bazoba nk’abarwanyi

bahonyanga mu rwondo rwo mu mabarabara mu rugamba.

Bazorwana intambara kuko Yehova ari kumwe na bo+.

Abagendera ku mafarasi bazomaramara+.

 6 Nzotuma abo mu Buyuda bakomera kuruta abandi,

nkize abakomoka kuri Yozefu+.

Nzobagarukana

kuko nzobagirira imbabazi+.

Bazomera nk’aho ntigeze ndabata+,

kuko ndi Yehova Imana yabo, kandi nzobishura.

 7 Abo muri Efurayimu bazoba nk’umurwanyi w’intwari,

umutima wabo unezerwe nk’umuntu yanyoye umuvinyu+.

Abana babo bazobibona banezerwe.

Umutima wabo uzonezerwa kubera jewe Yehova+.

 8 “Nzobahamagaza agahwa ndabakoranirize hamwe.

Nzobacungura+ bagwire,

bagume bagwira.

 9 Naho ndabasanzariza mu mahanga nk’imbuto,

bazonyibuka bari mu turere twa kure.

Bo n’abana babo bazogarura agatege maze bagaruke.

10 Nzobagarukana ndabakuye mu gihugu ca Misiri,

ndabegeranye ndabakuye muri Ashuri+.

Nzobazana mu gihugu ca Gileyadi+ n’i Libani,

babure n’aho bakwirwa+.

11 Nzoca mu kiyaga kigire amarushwa,

nkubite imipfunda yo mu kiyaga+.

Amazi yose ya Nili nzoyakamya gushika hasi epfo.

Ubwishime bwa Ashuri buzoshirwa hasi,

agakoni k’ubwami ka Misiri kaveho+.

12 Jewe Yehova nzotuma bakomera kuruta abandi+,

kandi bazogendera mw’izina ryanje+”, ni ko Yehova avuze.»

11 «Ewe Libani, ugurura imiryango yawe,

kugira ngo umuriro uturire amasederi yawe.

 2 Boroga wa giti c’umuberoshi we, kuko isederi itemvye.

Ibiti bikomakomeye vyahonejwe.

Nimuboroge yemwe biti vy’imyeloni vy’i Bashani,

kuko ya mashamba azitanye yahonye.

 3 Umva ukuboroga kw’abungere,

kuko icubahiro cabo giheze.

Umva ukuroha kw’intambwe z’imikangara*,

kuko vya bisaka vy’inzitane vyo ku nkengera ya Yorodani vyatikijwe.

4 Yehova Imana yanje avuze ati: “Ragira intama zigenewe gukererwa+. 5 Bene kuzigura barazikerera+, ntibaharurweko icaha. Abazigurisha+ na bo bavuga ngo: ‘Yehova ashemezwe kuko ngiye gutunga.’ Abungere bazo nta mpuhwe bazigirira+.”

6 Yehova avuze ati: “Sinzosubira kugirira impuhwe ababa mu gihugu. Nzotuma rero umwe wese agwa mu maboko ya mugenziwe no mu maboko y’umwami wiwe. Bazotikiza igihugu, kandi nta we nzorokora ngo ndamukure mu maboko yabo.”»

7 Nuko ntangura kuragira intama zigenewe gukererwa+, ndabigira ku bwanyu, yemwe ntama zigorewe zo mu busho. Ndaheza ntora inkoni zibiri. Imwe ndayita Gikundiro, iyindi na yo ndayita Bumwe+, maze ntangura kuragira intama. 8 Mu kwezi kumwe nirukanye abungere batatu, kuko ntari ngishobora kubihanganira, na bo bakaba baranyanka. 9 Maze mvuga nti: «Simbandanya kubaragira. Uwupfa napfe, uwuhona ahone. Abasigaye na bo nibamarane, umwe wese arye inyama za mugenziwe.» 10 Ntora rero inkoni yanje Gikundiro+ ndayivuna, nica isezerano nagiranye n’abantu bose. 11 Nuko kuri uwo musi rirahagarara, maze intama zigorewe zariko ziranyitegereza zimenya ko bwari ubutumwa buvuye kuri Yehova.

12 Maze mbwira abantu nti: «Mubishimye nimumpembe, mutabishimye na ho mureke.» Baca bampemba* ibiceri 30 vy’ifeza+.

13 Yehova aca ambwira ati: «Iyo ni yo mpembo y’agahebuza babonye ko dukwiranye+? Yiterere mu bubiko bw’itunga.» Nuko ntora ivyo biceri 30 vy’ifeza, ndabiterera mu bubiko bw’itunga ry’inzu ya Yehova+.

14 Maze mvuna inkoni yanje igira kabiri, ari yo Bumwe+, nsenyura ubucuti buri hagati y’Ubuyuda na Isirayeli+.

15 Yehova ambwira ati: «Niwironse rero ibikoresho vy’umwungere ata co amaze+. 16 Kuko ngira ndeke haze umwungere mu gihugu. Ntazokwitaho intama ziriko zirahona+. Ntazorondera imyagazi canke ngo avure izakomeretse+ canke ngo agaburire izigishobora guhagarara. Ahubwo azorya inyama z’intama zivyibushe+, atabagure ibinono vy’intama+.

17 Aragowe umwungere wanje ata co amaze+, ata intama+!

Inkota izokubita ukuboko kwiwe n’ijisho ryiwe ry’iburyo.

Ukuboko kwiwe kuzonyunyuka kwose

n’ijisho ryiwe ry’iburyo rihume ridegere*.»

12 Ibi ni vyo Imana imenyesheje:

«Ubu ni ubutumwa bwa Yehova bwerekeye Isirayeli», ni ko Yehova avuze,

umwe yaramvuye ijuru+,

agashinga umushinge w’isi+

kandi akarema impwemu* iri mu muntu.

2 «Yeruzalemu ngira ndayigire igikombe* gituma amahanga ayikikuje adandabagirana. Ubuyuda na Yeruzalemu bizokwugarizwa+. 3 Kuri uwo musi Yeruzalemu nzoyigira ibuye riremera* amahanga yose. Abazoriterura bose ntibazogenda badakomeretse cane+. Amahanga yose yo kw’isi azokoranira hamwe ngo ayirwanye+.» 4 Yehova avuze ati: «Kuri uwo musi amafarasi yose nzoyatera ubwoba, abayagenderako ndabateze ibisazi. Nzogumiza amaso ku Buyuda, mugabo amafarasi yose y’amahanga nzoyateza uruhumyi. 5 Abatware* b’Ubuyuda bazokwibwira mu mutima bati: “Ababa i Yeruzalemu ni inkomezi zacu kubera Yehova Nyeningabo Imana yabo+.” 6 Kuri uwo musi, abatware bo mu Buyuda nzobagira nk’inkono yaka umuriro hagati mu biti, ndabagire nk’ikimuri mu miganda y’ibinyantete bimbuye+. Bazoturira amahanga yose abakikuje iburyo n’ibubamfu+. Ababa i Yeruzalemu bazosubira kuba mu gisagara cabo*, ari co Yeruzalemu+.

7 Yehova azobanza gukiza amahema yo mu Buyuda, kugira ngo ubwiza* bw’umuryango* wa Dawidi n’ubw’ababa i Yeruzalemu ntibusumbe cane ubw’Ubuyuda. 8 Kuri uwo musi, Yehova azokingira ababa i Yeruzalemu impande zose+. Kuri uwo musi uwuzotsitara* muri bo azoba nka Dawidi, umuryango wa Dawidi na wo ube nk’Imana, nk’umumarayika wa Yehova abaja imbere+. 9 Kuri uwo musi, nzotikiza koko amahanga yose aza gutera Yeruzalemu+.

10 Nzosuka ku muryango wa Dawidi no ku baba i Yeruzalemu impwemu y’ugushimwa n’ukwinginga. Bazoraba uwo basogose+, bamuborogere nk’ababorogera umwana w’ikinege. Bazomugandarira batuntuye cane nk’abagandariye umwana w’imfura. 11 Kuri uwo musi, i Yeruzalemu hazoba amaborogo akomeye, nk’amaborogo y’i Hadadirimoni mu kiyaya ca Megido+. 12 Igihugu kizoboroga, umuryango umwumwe ukwawo: umuryango w’abakomoka kuri Dawidi* ukwawo n’abagore babo ukwabo, umuryango w’abakomoka kuri Natani+ ukwawo n’abagore babo ukwabo, 13 umuryango w’abakomoka kuri Lewi+ ukwawo n’abagore babo ukwabo, umuryango w’Abashimeyi+ ukwawo n’abagore babo ukwabo, 14 n’imiryango yose isigaye, umuryango umwumwe ukwawo n’abagore babo ukwabo.

13 Kuri uwo musi, umuryango* wa Dawidi n’ababa i Yeruzalemu bazokwimbirwa iriba kugira bozwe igicumuro n’ubuhumane+.

2 Kuri uwo musi», ni ko Yehova Nyeningabo avuze, «nzokuraho amazina y’ibigirwamana mu gihugu+, kandi ntibizokwongera kwibukwa. Igihugu nzogikuramwo abahanuzi+ n’impwemu y’ubuhumane. 3 Nihagira uwusubira kuvuga ubuhanuzi, se na nyina bamuvyaye bazomubwira bati: “Ntugenda udapfuye kuko wavuze ibinyoma mw’izina rya Yehova.” Maze se na nyina bamuvyaye bazomusogota kubera ko yavuze ubuhanuzi+.

4 Kuri uwo musi abahanuzi bose bazomaramazwa n’ivyo beretswe igihe bazoba bariko baravuga ubuhanuzi. Ntibazokwambara impuzu y’ubwoya+ y’abahanuzi kugira bahende abantu. 5 Umwe wese muri bo azovuga ati: “Sindi umuhanuzi. Ndi umwirimizi. Hari umuntu yanguze nkiri muto.” 6 Nihagira uwumubaza ngo: “None ko ufise ibikomere hagati y’ibitugu*?” Azokwishura ati: “Nakomerekeye mu nzu y’abagenzi banje*.”»

 7 Yehova Nyeningabo avuze ati: «Wa nkota we, ikangure urwanye umwungere wanje+,

urwanye umugenzi wanje.

Kubita umwungere+, ubusho* busabagire+.

Nzoduza ukuboko mpane abantu batoyi.»

 8 «Mu gihugu cose», ni ko Yehova avuze,

«ibice bibiri vy’abakibamwo bazorandurwa bahone*,

hasigare ica gatatu cabo.

 9 Abo bagize ica gatatu nzobacisha mu muriro.

Nzobatyorora nk’uko batyorora ifeza,

ndabasuzume nk’uko basuzuma inzahabu+.

Bazokwambaza izina ryanje,

nanje ndabishure.

Nzovuga nti: “Ni abantu banje+”,

na bo bavuge bati: “Yehova ni Imana yacu.”»

14 «Ehe umusi uraje, umusi wa Yehova, aho ivyo basahuye iwawe bazobigabanganira iwawe*. 2 Nzokoranya amahanga yose kugira atere Yeruzalemu. Ico gisagara kizofatwa, amazu asahurwe, n’abagore bashurashuzwe ku nguvu. Ica kabiri c’ababa mu gisagara bazoja mu bunyagano, ariko abantu bazosigara ntibazorandurwa mu gisagara.

3 Yehova azoza arwanye ayo mahanga+ nk’uko ahora arwana ku musi w’urugamba+. 4 Kuri uwo musi, ibirenge vyiwe bizohagarara ku musozi w’Imyelayo+ urabana na Yeruzalemu mu buseruko*. Uwo musozi w’Imyelayo uzosadukamwo kubiri, kuva mu buseruko gushika mu burengero*, habe umubande munini cane. Igice kimwe c’uwo musozi kizoja mu buraruko, ikindi kije mu bumanuko. 5 Muzohungira mu mubande wo hagati y’imisozi yanje, kuko uwo mubande uri hagati y’imisozi uzoshika n’i Azeli. Muzobwirizwa guhunga nk’uko mwahunze kubera nyamugigima mu gihe ca Uziya umwami w’Ubuyuda+. Yehova Imana yanje azoza, kandi aberanda bose bazoba bari kumwe na we+.

6 Kuri uwo musi nta muco ukayangana* uzoboneka+. Ibintu bizokanya bikongatare*. 7 Uwo musi uzoba ari umusi uzwi ko ari uwa Yehova+. Ntihazoba umurango canke ijoro. Ku mugoroba hazoba umuco. 8 Kuri uwo musi, amazi y’ubuzima+ azotemba ava i Yeruzalemu+, igice kimwe kije mu kiyaga co mu buseruko*+, ikindi na co kije mu kiyaga co mu burengero*+. Ivyo bizoba mu ci no mu rushana. 9 Yehova azoba Umwami w’isi yose+. Kuri uwo musi, Yehova azoba umwe+, n’izina ryiwe ribe rimwe+.

10 Igihugu cose kizoba nk’akarere ka Araba+, kuva i Geba+ gushika i Rimoni+ mu bumanuko bwa Yeruzalemu. Yeruzalemu izoshirwa hejuru aho yahora, abantu basubire kuyibamwo+, kuva kw’irembo rya Benyamini+ gushika ahari irembo rya mbere, kugenda gushika kw’irembo ryo mu mfuruka, no kuva ku munara wa Hananeli+ gushika ku nganiro z’umuvinyu* z’umwami. 11 Abantu bazobayo, kandi ntihazosubira kuvumwa ngo hatikizwe+. Abantu bazoba i Yeruzalemu mu mutekano+.

12 Iki ni co kiza Yehova azoteza amahanga yose atera Yeruzalemu+: inyama zabo zizobaborerako bahagaze, amaso yabo aborere mu binogo vyayo n’ururimi rwabo ruborere mu kanwa kabo.

13 Kuri uwo musi, umuvurungano uvuye kuri Yehova uzokwiragira muri bo. Umwe wese azocakira ukuboko kwa mugenziwe, batane mu mitwe+. 14 Ubuyuda na bwo nyene buzorwanira hafi ya Yeruzalemu. Ubutunzi bw’amahanga yose ahakikuje buzokwegeranywa: uri inzahabu, ifeza n’impuzu, vyinshi rwose+.

15 Ikiza kimeze nk’ico kizotera n’amafarasi, inyumpu*, ingamiya, indogobwa n’ibitungwa vyose biri muri ayo makambi.

16 Abazoba basigaye bose muri ayo mahanga yose aza gutera Yeruzalemu, bazoduga i Yeruzalemu buri mwaka+ kwunamira* wa Mwami Yehova Nyeningabo+ no guhimbaza umusi mukuru w’insago*+. 17 Mugabo abo mu miryango yo kw’isi batazoduga i Yeruzalemu kwunamira wa Mwami Yehova Nyeningabo, ntibazoronka imvura+. 18 Abantu bo mu Misiri nibatadugayo, nta mvura bazoronka. Ahubwo bazoterwa n’ikiza Yehova azoteza amahanga ataduga guhimbaza umusi mukuru w’insago. 19 Ico ni co kizoba igihano c’igicumuro ca Misiri n’igicumuro c’amahanga yose ataduga guhimbaza umusi mukuru w’insago.

20 Kuri uwo musi, ku nzogera z’amafarasi hazoba handitsweko ngo: “Ubweranda ni ubwa Yehova+!” Inkono*+ zo mu nzu ya Yehova zizoba nk’amabakure+ ari imbere y’igicaniro. 21 Inkono* zose ziri i Yeruzalemu no mu Buyuda zizoba nyeranda kandi zizoba iza Yehova Nyeningabo. Abashikana ibimazi bose bazoza batore zimwe muri zo bazitekemwo. Kuri uwo musi, nta Munyakanani* azoba akibarizwa mu nzu ya Yehova Nyeningabo+.»

Iryo zina risobanura ngo «Yehova yaributse.»

Canke «mugaruke muve mu ngeso.»

Raba Inyongera ya B15.

Umuhadasi ni agati k’amababi ayagayaga n’amashurwe yera amota.

Mu giheburayo havuga ngo «iyi myaka.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu miyaga ine y’ijuru.»

Mu giheburayo havuga ngo «inyuma y’ubuninahazwa.»

«Umukobwa wa Siyoni» ni amajambo ndyoshamvugo kenshi asigura igisagara ca Yeruzalemu canke abakibamwo.

Canke «igifise umubiri cose.»

Canke «naguhambarire.»

Canke «naguhambarire.»

Canke «amakanzu y’imararubanza.»

Canke «uzezwe», «urinde.»

Ivyo biti vyama imyelayo (olive).

Canke «akarere gashashe.»

Mu giheburayo havuga ngo «ryo ku mutwe.»

Canke «ni nde yagaye umusi w’ibintu bitobito?»

Canke «karisho.» Mu giheburayo havuga ngo «ibuye», «ubutare bw’ibati.» Karisho wari umugozi uriko akantu karemereye kenena, bakoresha mu gupima amahagarara.

Ashobora kuba ari amatara canke amaso.

Ni ukuvuga udushami turiko ivyamwa.

Canke «yarobanuje amavuta.» Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).

Yari intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Intambwe imwe yangana na santimetero 44,5. Raba Inyongera ya B14.

Mu giheburayo havuga ngo «iyi ni efa.» Ng’aha isobanura igitunga canke ikindi kintu cakoreshwa mu gupima ingero ya efa. Efa imwe yaja mu kintu c’amalitiro 22. Raba Inyongera ya B14.

Mu giheburayo havuga ngo «hagati y’isi n’ijuru.»

Ni ukuvuga Babiloni.

Canke «urugori ruhambaye.»

Ni ukuvuga ibanga ryo kuganza n’iryo kuba umuherezi.

Canke «hazoba umwumvikano w’amahoro hagati y’ayo mabanga yompi.»

Canke «urwo rugori ruhambaye.»

Raba Inyongera ya B15.

Canke «mu rusengero.»

Mu giheburayo havuga ngo «nzorire . . . niyime . . . maze . . . ndabigira.»

Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»

Canke «ntimwibe», «ntimugunge.»

Canke «umwana atagira se.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «nk’ibuye rigumye.»

Canke «inyigisho.»

Mu giheburayo havuga ngo «yabahamagaye.»

Canke «ubwizigirwa.»

Mu giheburayo havuga ngo «imisi myinshi.»

Canke «mu gihugu c’i burasirazuba n’ic’i burengerazuba.»

Canke «ubwizigirwa.»

Canke «nimugire umutima rugabo.»

Canke «nimugire umutima rugabo.»

Canke «sinicuze.»

Canke «igice co ku mpera c’impuzu.»

Mu giheburayo havuga ngo «umugabo w’Umuyuda.»

Mu giheburayo havuga ngo «buzoruhukira i Damasiko.»

Canke «ikibanza gikingijwe ibihome.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ku kiyaga.»

Mu giheburayo havuga ngo «umushehe.» Umushehe yari umukuru w’umuryango.

Canke «nzoshinga ikirindiro ku nzu yanje.»

Canke «nta wucinyiza abandi.»

Biboneka ko ari amarushwa y’abantu biwe.

Canke «kandi aratsinda», «kandi yarakijijwe.»

Canke «ku ndogobwa y’ingabo.»

Ni uruzi Efurate.

Canke «nzogonda Ubuyuda.» Mu giheburayo havuga ngo «nzohonyora Ubuyuda (nk’umuheto igihe bawambika uruvuto).»

Mu giheburayo ni «terafimu.» Raba Insiguro y’amajambo (Terafimu).

Canke «vy’amageza», «bisiga ubwenge.»

Mu giheburayo havuga ngo «ico mbaza amasuguru y’impene.»

Mu giheburayo havuga ngo «umunara wo mu mfuruka.» Bigereranya umuntu akomeye canke ahambaye, w’umutegetsi.

Mu giheburayo havuga ngo «urumambo.» Bigereranya umuntu ashigikira abandi canke umutware.

Canke «abakoresha abandi ibikorwa.»

Canke «intambwe z’imikangara zifise ivyoya kw’izosi.»

Mu giheburayo havuga ngo «bampimira.»

Mu giheburayo havuga ngo «ryijime.»

Canke «impemu.»

Canke «ibakure.»

Canke «ry’amananiza.»

Mu giheburayo havuga ngo «abashehe.» Umushehe yari umukuru w’umuryango.

Canke «ahantu habo bakwiriye.»

Canke «iteka.»

Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»

Canke «uwugoyagoya cane.»

Mu giheburayo havuga ngo «umuryango w’inzu ya Dawidi.»

Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»

Mu giheburayo havuga ngo «hagati y’amaboko.» Ni ukuvuga mu gikiriza canke mu mugongo.

Canke «abankunda.»

Canke «intama.»

Canke «bapfe.»

Ni igisagara kivugwa ku murongo wa 2.

Canke «i burasirazuba.»

Mu giheburayo havuga ngo «ku kiyaga.»

Mu giheburayo havuga ngo «w’agaciro.»

Canke «bidadarare.»

Ni ikiyaga c’Umunyu.

Ni ikiyaga Mediterane.

Canke «ibikono baganiramwo.»

Inyumpu ni igikoko kivuka ku ndogobwa n’ifarasi.

Canke «gusenga.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «inkono z’umunwa munini.»

Canke «inkono z’umunwa munini.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «nta mudandaza.»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika