OBADIYA
Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze ku vyerekeye Edomu*+:
«Hari inkuru twumvise ivuye kuri Yehova.
Hari intumwa yarungitswe mu mahanga kuvuga ngo:
“Nimuhaguruke, twitegurire urugamba rwo kumurwanya+.”»
3 Ubwibone bw’umutima wawe bwaraguhenze+,
wewe uba mu bwihisho bwo mu rutare,
wewe uba iyo hejuru. Uvugira mu mutima uti:
“Ni nde azonkororera hasi?”
4 Naho woja kuba hejuru* nk’inkona,
canke ugashira icari cawe mu nyenyeri,
nogukorora nkagukurayo», ni ko Yehova avuze.
5 «Hamwe ibisuma vyoza iwawe, abambuzi bakaza mw’ijoro,
mbega ntibokwiba gusa ivyo bagomba?
Hamwe boba ari abasoroma inzabibu baje iwawe,
6 Ewe kuntu Esawu yasatswe!
Ese ukuntu amatunga yiwe ahishijwe yarondewe aratorwa!
7 Abari bagushigikiye* bose barakwirukanye gushika ku rubibe.
Baraguhenze.
Abantu mwari mubanye amahoro barakunesheje.
8 Yehova avuze ati:
«Mbega kuri uwo musi sinzozimanganya inkerebutsi zo muri Edomu+,
nkazimanganya n’ugutahura mu karere k’imisozi ka Esawu?
9 Abarwanyi bawe bazotekerwa n’ubwoba+, ewe Temani+,
kuko umwe wese azokwicirwa mu karere k’imisozi ka Esawu inganda nizatikira+.
10 Kubera ubukozi bw’ikibi wagiriye mwenewanyu Yakobo+,
uzokwuzura ibimaramare+,
kandi uzozimangana ibihe vyose+.
11 Umusi wari wihagarariye ku ruhande,
umusi ab’ahandi batwara ingabo ziwe bakazigira imbohe+,
igihe abanyamahanga binjira mw’irembo ryiwe bagapfindira+ Yeruzalemu,
wakoze nka bo.
12 Ntiwari ukwiye kwigina ku musi mwenewanyu ashikirwa n’amagorwa+.
Ntiwari ukwiye kunezerwa ku musi abantu bo mu Buyuda bahona+,
kandi ntiwari ukwiye kuvugana ubwishime ku musi w’amarushwa yabo.
13 Ntiwari ukwiye guca mw’irembo ry’abantu banje ku musi bashikirwa n’ivyago+.
Ntiwari ukwiye kwigina amakuba babonye ku musi bashikirwa n’ivyago,
kandi ntiwari ukwiye gutwara ivyo batunze ku musi bashikirwa n’ivyago+.
14 Ntiwari ukwiye guhagarara mu masanganzira, kugira wice abantu babo bacitse kw’icumu+,
kandi ntiwari ukwiye gushikiriza umwansi abantu babo barokotse ku musi w’ivyago+.
15 Kuko umusi wa Yehova wo kurwanya amahanga yose uri hafi+.
Kurya wagize, ni ko uzogirirwa+.
Ivyo wakoreye abandi bizokugaruka ku gatwe.
Azonywa agotomere,
amere nk’ayatigeze kubaho.
17 Ariko ku musozi Siyoni hazoba hari abacitse kw’icumu+,
kandi uzoba mweranda+.
Abakomoka kuri Yakobo bazosubira kwigarurira ibintu vyabo+.
18 Abakomoka kuri Yakobo bazoba umuriro,
abakomoka kuri Yozefu babe urubeya,
abakomoka kuri Esawu na bo babe nk’ibishakara.
Bazobaturira babaherengeteze.
Nta wuzorokoka mu bakomoka kuri Esawu+,
kuko Yehova ubwiwe abivuze.
19 Bazokwigarurira akarere ka Negebu, akarere k’imisozi ka Esawu+,
aka Shefela, n’igihugu c’Abafilisitiya+.
Bazokwigarurira akarere ka Efurayimu n’aka Samariya+,
kandi abakomoka kuri Benyamini bazokwigarurira akarere ka Gileyadi.
20 Nayo abajanywe mu bunyagano begukira iki gihome*+,
ari bo Bisirayeli, igihugu c’Abanyakanani kizobegukira gushika i Zarefati+.
Kandi ab’i Yeruzalemu bagizwe inyagano bari i Sefaradi bazokwigarurira ibisagara vyo mu karere ka Negebu+.
21 Abarokora abandi bazoduga ku musozi Siyoni
kugira bacire imanza ababa mu karere k’imisozi ka Esawu+,
kandi ubwami buzoba ubwa Yehova+.»
Iryo zina risobanura ngo «umusavyi wa Yehova.»
Mu yindi mirongo yitwa Esawu.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «naho wogurukira hejuru.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «botikiza ibingana gute?»
Canke «abo mwari mufitaniye isezerano.»
Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»
Mu giheburayo havuga ngo «bazotega urusenga munsi yawe.»
Canke «iki gihome gikomeye.»