AMOSI
1 Amajambo ya Amosi* wo mu borozi b’intama b’i Tekowa+. Ayo majambo yerekeye Isirayeli, yayaronse biciye ku vyo yeretswe ku ngoma ya Uziya+ umwami w’Ubuyuda, no ku ngoma ya Yerobowamu+ mwene Yowasi+, umwami wa Isirayeli, hasigaye imyaka ibiri ngo habe nyamugigima+. 2 Yavuze ati:
«Yehova azoroha ari i Siyoni,
kandi azosemerera ari i Yeruzalemu.
Uburagiro bw’abungere buzogandara,
kandi isonga rya Karumeli rizokwuma+.»
3 «Ibi ni vyo Yehova avuze:
“‘Kubera Damasiko yangararije* incuro zitatu, mbere ni zine, sinzokwisubirako,
5 Nzovunagura ivyugazo vy’i Damasiko+.
Nzotikiza ababa i Bikati-Aveni
hamwe n’umutware* w’i Beti-Edeni,
kandi abo muri Siriya bazojanwa mu bunyagano i Kiri+’, ni ko Yehova avuze.”
6 Ibi ni vyo Yehova avuze:
“‘Kubera Gaza yangararije+ incuro zitatu, mbere ni zine, sinzokwisubirako,
kuko bafashe umugwi wose w’imbohe+ bakawushira mu vyara vy’Abanyedomu.
hamwe n’umutware w’i Ashikeloni+.
Nzohana Ekuroni+,
kandi n’Abafilisitiya basigaye bazopfa+’, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.”
9 Ibi ni vyo Yehova avuze:
“Kubera Tiro yangararije+ incuro zitatu, mbere ni zine, sinzokwisubirako,
kuko bafashe umugwi wose w’imbohe bakawushira mu vyara vy’Abanyedomu,
kandi ntibibutse isezerano bagiraniye na benewabo+.
11 Ibi ni vyo Yehova avuze:
“Kubera Edomu yangararije+ incuro zitatu, mbere ni zine, sinzokwisubirako,
kuko yomye inyuma mwenewabo n’inkota+,
akanka kumugirira imbabazi.
Aguma abatabagura n’ishavu n’akantu,
kandi n’ubu aracabafitiye ishavu+.
13 Ibi ni vyo Yehova avuze:
“‘Kubera Abamoni+ bangararije incuro zitatu, mbere ni zine, sinzokwisubirako,
kuko bapasuye inda* z’abagore bibungenze b’i Gileyadi, kugira biyagurire akarere kabo+.
14 Nzodomeka rero umuriro ku mpome z’i Raba+,
kandi uzoturira iminara ikomeye yaho.
Uzoba ari umusi w’urugamba urangwa n’akaruru k’intambara,
umusi w’ibihuhusi urangwa n’imiyaga y’ibivumbuzi.
15 Umwami wabo azojanwa mu bunyagano ari kumwe n’abaganwa biwe+’, ni ko Yehova avuze.”
2 Ibi ni vyo Yehova avuze:
“‘Kubera Mowabu yangararije*+ incuro zitatu, mbere ni zine, sinzokwisubirako,
kuko yaturiye amagufa y’umwami wa Edomu kugira ayakoremwo ishwagara.
2 Nzorungika rero umuriro i Mowabu,
kandi uzoturira iminara ikomeye y’i Keriyoti+.
Mowabu izotikira hariko havuga urwamo rwinshi,
akaruru k’intambara n’ijwi ry’inzamba+.
4 Ibi ni vyo Yehova avuze:
“Kubera Yuda yangararije+ incuro zitatu, mbere ni zine, sinzokwisubirako,
kuko biyamirije amategeko* ya Yehova,
kandi ntibubahirize ingingo yashinze+.
Ahubwo bazimijwe n’ibinyoma ba sekuruza babo bakurikiye+.
6 Ibi ni vyo Yehova avuze:
“Kubera Isirayeli yangararije+ incuro zitatu, mbere ni zine, sinzokwisubirako,
kuko bagurisha umugororotsi amahera*,
Umuhungu na se bahurira ku mukobwa umwe*,
bagahumanya izina ryanje ryeranda.
8 Biryamira iruhande y’ibicaniro vyose+ ku mpuzu bafasheko ingwati+.
Bagura umuvinyu amahera y’abantu baciye amande, bakawunywera mu nzu* y’imana zabo.”
9 “Ariko ni jewe natikije Abamori kugira bababise+,
naho bari barebare nk’amasederi, bagakomera nk’ibiti vy’imyeloni.
Nahoneje ivyamwa vyabo vyo hejuru n’imizi yabo yo hasi+.
None ivyo si vyo ga yemwe Bisirayeli?”, ni ko Yehova avuze.
12 “Ariko mwagumye muha umuvinyu Abanaziri ngo banywe+,
abahanuzi na bo mukabategeka ngo: ‘Ntimuvuge ubuhanuzi+.’
13 Nzobafyonyorera rero aho muri,
kurya nyene umukogote wuzuye intete ufyonyora ikintu cose uciyeko.
14 Uwunyaruka ntazoronka aho ahungira+,
uwukomeye ntazogumana inkomezi ziwe,
kandi n’umurwanyi ntazonyaga amagara.
15 Uwurasisha umwampi ntazokwihagararako,
uwunyaruka cane ntazocaruka,
kandi n’uwugendera kw’ifarasi ntazonyaga amagara.
16 Mbere n’abarwanyi barusha abandi kurinda*
bazohunga bari gusa kuri uwo musi+”, ni ko Yehova avuze.»
3 «Nimwumve ijambo Yehova avuze ku biberekeye yemwe Bisirayeli, ku vyerekeye ihanga ryose nakuye mu Misiri:
2 “Ni mwebwe gusa namenye mu miryango yose yo kw’isi+.
Ni co gituma nzobahanira amakosa yanyu yose+.
3 Mbega abantu babiri bojana batavyumvikanye*?
4 Mbega intambwe yorohera mu kibira ata co yafashe?
Mbega intambwe y’umukangara* yotontomera aho iba ata co yacakiye?
5 Mbega inyoni yofatwa mu mutego ata wayiteze*?
Mbega umutego woshibuka ukava mw’ivu ata co wafashe?
6 Iyo havugijwe inzamba mu gisagara, mbega abantu ntibajugumira?
Iyo hateye icago mu gisagara, mbega si Yehova aba yabikoze?
8 Mbega ni nde atotinya intambwe iroshe+?
Ni nde atovuga ubuhanuzi Umukama Segaba Yehova atanze itegeko+?”
9 “Nimubitangaze ku minara ikomeye y’i Ashidodi
no ku minara ikomeye yo mu Misiri.
Muvuge muti: ‘Nimukoranire ku misozi yo muri Samariya+,
murabe uruhagarara ruriyo
n’ingene huzuye ubusuma+.
10 Birundaniriza ubutunzi mu minara yabo ikomeye biciye ku bubisha n’agatikizo,
kuko batazi gukora iciza’, ni ko Yehova avuze.”
11 Ibi rero ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze:
“Umwansi azokikuza igihugu cawe+.
Azokumara amanyama*
kandi azonyaga ibintu vyose biri mu minara yawe ikomeye+.”
12 Ibi ni vyo Yehova avuze:
“Kurya umwungere ashikura utuguru tubiri canke igice c’ugutwi mu kanwa k’intambwe,
ni ko hazorokoka Abisirayeli bake cane
muri barya biyicariye i Samariya ku bitanda vyizavyiza no ku ntebe nzizanziza*+.”
13 “Nimwumvirize kandi muburire* inzu ya Yakobo”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze, Imana Nyeningabo.
14 “Kuko umusi nahaniye Isirayeli ubugarariji* bwayo bwose+,
nzoyihanira n’ibicaniro vy’i Beteli+.
Amahembe y’igicaniro azovunagurika, akorokere hasi+.
15 Nzosenyura amazu mubamwo mu rushana n’ayo mubamwo mu ci.”
“Inzu zubakishijwe amasenge* zizosenyurwa+,
kandi inzu zikomakomeye* zizobomorwa+”, ni ko Yehova avuze.»
4 «Nimwumve ibi mwa nka z’i Bashani
muri ku musozi wo muri Samariya+,
mwa bagore mugunga abantu batobato+, mugacinyiza abakene,
mukabwira abagabo banyu* muti: “Tuzanire ico twinywera!”
2 Umukama Segaba Yehova yarahiye ubweranda bwiwe ati:
“‘Ehe imisi irashitse, aho bazobateruza ingobe z’umuyangayanga,
abasigaye na bo bakabateruza amagera.
3 Muzosohokana mu bitoboro vy’uruhome, umwe wese atumbereye imbere yiwe,
kandi muzotabwa i Harumoni’, ni ko Yehova avuze.”
5 Nimutange ibimazi vyo gukenguruka vy’umukate wambiye+,
mwamamaze n’ijwi rirenga amashikanwa mutanga muvyishakiye,
kuko ari vyo mukunda yemwe Bisirayeli”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.
6 “Natumye amenyo yanyu aguma asukuye mu kubima ibifungurwa mu bisagara vyanyu vyose,
nongera ntuma umukate ubura mu mazu yanyu yose+.
Ariko ntimwangarutseko+”, ni ko Yehova avuze.
7 “Natumye kandi imvura icika hasigaye amezi atatu ngo mwimbure+.
Natumye igwa mu gisagara kimwe ariko ntigwe mu kindi.
Itongo rimwe ryararonka imvura,
ariko irindi rikuma kubera ryabuze imvura.
8 Ababa mu bisagara bibiri canke bitatu bagenda baricako bagiye kunywa amazi mu gisagara kimwe+,
mugabo ntibahere inyota.
Ariko ntimwangarutseko+”, ni ko Yehova avuze.
9 “Natumye ibiterwa vyanyu bibabuka nongera ndabiteza ingese*+.
Mwaragwije amatongo n’imirima y’imizabibu,
mugabo ibiti vyanyu vy’imisukoni n’ivy’imyelayo* vyaciye biribwa n’inzige+.
Ariko na ho nyene ntimwangarutseko+”, ni ko Yehova avuze.
10 “Nabarungitsemwo ikiza nka kimwe co mu Misiri+.
Imisore yanyu nayicishije inkota+ nongera nigarurira amafarasi yanyu+,
ntuma munukirwa n’ibiziga+ biri mu makambi yanyu.
Ariko ntimwangarutseko”, ni ko Yehova avuze.
musigara mumeze nk’urukwi basokoye mu muriro.
Ariko ntimwangarutseko+”, ni ko Yehova avuze.
12 Ivyo rero ni vyo nzokugirira Isirayeli we!
Ko ivyo ari vyo nzokugirira,
itegurire guhura n’Imana yawe, Isirayeli we!
13 Nkako, ni we yaremye imisozi+ n’umuyaga+.
Ni we ahishurira abantu ivyiyumviro vyiwe,
agahindura umutwenzi umwiza+,
kandi akagendera hejuru ku misozi+.
Yehova Imana Nyeningabo ni ryo zina ryiwe.»
5 «Nimwumve aya majambo yo gucura intimba* ndabavuzeko, ewe nzu ya Isirayeli:
2 “Umukobwa w’isugi ari we Isirayeli yatemvye,
ntashobora guhaguruka.
Arambaraye hasi ku butaka bwiwe,
nta n’umwe amuvyura.”
3 Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze:
“Igisagara cahora kija kurwana gifise abantu igihumbi kizosigarana ijana,
icahora kigenda gifise ijana na co gisigarane cumi. Ivyo ni vyo bizoshikira inzu ya Isirayeli+.”
4 Kuko ibi ari vyo Yehova abwiye inzu ya Isirayeli:
“Nimungarukeko maze mubandanye kubaho+.
Ntimuje i Gilugali+ canke ngo mujabuke i Beri-Sheba+,
kuko Gilugali itazobura kuja mu bunyagano+,
Beteli na yo igacika ubusa*.
6 Nimurondere Yehova maze mubandanye kubaho+,
kugira ntarurumbe nk’umuriro ku nzu ya Yozefu,
ugaturira Beteli kandi ata muntu wo kuwuzimya ahari.
8 Umwe yakora umugwi w’inyenyeri witwa Kima* n’uwitwa Kesili*+,
umwe afata umwiza w’umuzitanya akawuhindura igitondo,
umwe afata umurango akawuhindura ijoro+,
umwe ahamagara amazi yo mu kiyaga
kugira ayasuke kw’isi+:
Izina ryiwe ni Yehova.
9 Azozana agatikizo ku banyenkomezi
yongere atikize ibibanza bikingijwe ibihome.
11 Ko mwaka umukene amahera yo gukota umurima*,
intete yimbuye mukazitwara nk’ikibuguro+,
ntimuzoguma mu mazu y’amabuye abajwe mwubatse+,
kandi ntimuzonywa umuvinyu w’imizabibu myizamyiza mwateye+.
12 Kuko nzi ingene ubugarariji* bwanyu ari bwinshi
n’ingene ibicumuro vyanyu ari vyinshi:
Murahohotera umugororotsi,
mukarya ibiturire*
kandi mukarenganya abakene mw’irembo ry’igisagara+.
Yehova Imana Nyeningabo azoheza abane namwe,
nk’uko mubivuga+.
Hari aho Yehova Imana Nyeningabo
yogirira ubuntu amasigarira akomoka kuri Yozefu+.”
16 Ibi ni vyo Yehova avuze, Yehova ya Mana Nyeningabo:
“Mu bibanza rusangi* vyose hazoba amaborogo,
kandi mu mabarabara yose abantu bazovuga ngo: ‘Yooo! Yooo!’
Bazohamagara abarimyi kugira bagandare.
n’abahinga mu gucura intimba kugira baboroge.
18 “Baragowe abipfuza cane umusi wa Yehova+!
Mbega umusi wa Yehova uzosobanura iki kuri mwebwe+?
Uzoba ari umusi w’umwiza, ntuzoba ari uw’umuco+.
19 Bizomera nk’igihe umuntu ahunze intambwe, agaca ahura n’idubu.
Agize ngo arinjira mu nzu akishimikiza uruhome na ho, agaca akomorwa n’inzoka.
20 Mbega umusi wa Yehova ntuzoba umwijima, aho kuba umuco?
Ntuzoba ari umuzimagiza, aho kuba ukwakaka?
22 Naho mwompa amashikanwa canke amashikanwa aturirwa uko yakabaye,
sinzogenda ndayashimye+,
kandi sinzoraba ryiza ibimazi vyanyu vyo gusangira bigizwe n’ibitungwa binuze+.
23 Nkura mu matwi urwamwo rw’indirimbo zanyu!
Sinshaka gusubira kwumva indirimbo z’ibicurarangisho* vyanyu+!
25 Mbega hari ibimazi canke amashikanwa
mwanshikaniye mu myaka 40 mwamaze mu bugaragwa, ga yemwe Bisirayeli+?
26 Ubu rero muzobwirizwa kwikorera Sikuti umwami wanyu na Kiyuni*,
ibishusho mwihinguriye, ya nyenyeri y’imana yanyu,
27 kandi nzobarungika mu bunyagano hakurya ya Damasiko+”, ni ko umwe yitwa Yehova Imana Nyeningabo avuze+.»
6 «Baragowe abantu b’i Siyoni biyizigira*,
bakumva bitekaniye ku musozi w’i Samariya+,
abantu bakomakomeye bo mw’ihanga rihambaye kuruta ayandi,
barya inzu ya Isirayeli yitura.
2 Genda i Kalune murabe,
hanyuma muveyo muje i Hamati+ igisagara gihambaye,
muce mumanuka i Gati h’Abafilisitiya.
Mbega ivyo bisagara vyoba ari vyiza kuruta ubu bwami*?
Canke akarere kabo koba kagutse gusumba ak’iwanyu?
4 Biryamira ku bitanda vy’amasenge*+, bakigaramira ku ntebe nzizanziza*+
bariko barya impfizi z’intama zo mu busho n’inyana* zivyibushe+.
5 Bifondera indirimbo bajanisha n’ijwi ry’inanga+,
bakihingurira ibicurarangisho* bishasha nka Dawidi+.
6 Banywera umuvinyu mu mabakure+
kandi bakisiga amavuta mezameza,
ariko ntibitaho* ivyago vya Yozefu+.
7 Ni co gituma bazoba aba mbere mu kujanwa mu bunyagano+,
kandi ukwidagadura kutabereye kw’abigaramangira kuzorangira.
8 “Umukama Segaba Yehova arirahiye+”, ni ko Yehova Imana Nyeningabo avuze:
“‘Ndanka ubwishime bwa Yakobo+.
Iminara yiwe ikomeye iranshisha+,
kandi igisagara ciwe n’ibicuzuye nzobiha abansi+.
9 Naho mu nzu imwe hoba hasigaye abantu cumi, na bo nyene bazopfa. 10 Incuti yabo* izoza kubatwara ibaturire umwumwe. Izosohora amagufa yabo hanze, hanyuma ibaze uwuri indani mu cumba iti: “Hari uwundi muri kumwe?” Na we azoyishura ati: “Nta n’umwe!” Izoca ivuga iti: “Hora! Kuko atari igihe co kuvuga izina rya Yehova.”’
11 Kuko Yehova ari we azoba yatanze itegeko+.
Azobomora inzu nininini zisigare ari isakamburira,
inzu ntonto na zo zisigare ari ubunywenywe+.
12 Mbega amafarasi ariruka ku bitandara vy’amabuye?
Canke umuntu yoharimisha inka?
Erega ubutungane mwabuhinduye igiterwa c’ubumara,
13 Muhimbarwa n’ibintu bitagira akamaro,
mukavuga ngo: ‘Mbega inguvu zacu si zo zatumye tuba abanyenkomezi*+?’
14 Ku bw’ivyo ga yewe nzu ya Isirayeli, ngira nzane ihanga ribatere+”, ni ko Yehova Imana Nyeningabo avuze,
“kandi bazobacinyiza kuva i Lebo-Hamati*+ gushika ku mwonga* w’i Araba.”»
7 Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova yanyeretse: yariko akoranya igitero c’inzige, igihe ibiterwa vya nyuma* vyari bitanguye kunaga. Vyari ibiterwa batera bamaze guhumbira ubwatsi bw’umwami. 2 Ico gitero kimaze kuyogeza ibiterwa vyose vyo mu gihugu, naciye mvuga nti: «Ewe Mukama Segaba Yehova, ndakwinginze ubababarire+. None Yakobo yorokoka* gute? Erega ni magara make+!»
3 Yehova yaciye ahindura ivyiyumviro*+. Yehova aca avuga ati: «Ntibizoba.»
4 Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova yanyeretse: Umukama Segaba Yehova yahamagaye umuriro kugira awuhanishe abantu biwe. Uwo muriro wararigase ikiyaga amahanga wongera urayogeza igice c’igihugu. 5 Nanje nca mvuga nti: «Ewe Mukama Segaba Yehova, ndakwinginze ugeze aho+. None Yakobo yorokoka gute? Erega ni magara make+!»
6 Yehova yaciye ahindura ivyiyumviro+. Maze Umukama Segaba Yehova avuga ati: «N’ivyo nyene ntibizoba.»
7 Ibi ni vyo yanyeretse: Yehova yari ahagaze ku ruhome rwubakishijwe inivo*, kandi yari afise inivo mu kuboko kwiwe. 8 Maze Yehova ambaza ati: «Ubona iki ga Amosi?» Nanje nti: «Inivo.» Yehova aca ambwira ati: «Ngira nshire inivo ku bantu banje b’Abisirayeli. Sinzokwongera kubababarira+. 9 Ibibanza vyo gusengeramwo vya Izahaki+ bizocika umusaka, kandi ibibanza vyeranda vya Isirayeli bizotikira+. Nzokwicisha inkota umuryango wa Yerobowamu+.»
10 Amaziya umuherezi w’i Beteli+ aca arungikira ubutumwa Yerobowamu+ umwami wa Isirayeli ati: «Amosi ariko atuma abantu bakugarariza hagati muri Isirayeli+. Igihugu ntigishobora kwihanganira amajambo yose avuga+. 11 Kuko Amosi avuga ngo: “Yerobowamu azokwicishwa inkota, kandi Abisirayeli ntibazobura gukurwa mu gihugu cabo bakajanwa mu bunyagano+.”»
12 Amaziya aca abwira Amosi ati: «We werekwa, hoshi genda, uhungire mu Buyuda. Genda ucireyo ingero*, abe ari yo uvugira ubuhanuzi+. 13 Ariko ntusubire kuvugira ubuhanuzi i Beteli+, kuko ari ikibanza ceranda c’umwami+ n’ikirimba ciwe.»
14 Amosi yishura Amaziya ati: «Jewe sinari umuhanuzi canke umwana w’umuhanuzi. Ahubwo nari umwungere+, nkitwararika n’ibiti vy’imisukomora n’insukoni zavyo*. 15 Ariko Yehova yarankuye inyuma y’ubusho, maze Yehova ambwira ati: “Genda ubwire ubuhanuzi abantu banje b’Abisirayeli+.” 16 Niwumvirize rero ijambo rya Yehova: “Ko uvuga ngo ‘ntuvuge ubuhanuzi bw’ivyago bizoshikira Isirayeli+, kandi ntuvuge ubutumwa+ bucira urubanza inzu ya Izahaki’, 17 ibi rero ni vyo Yehova avuze: ‘Umugore wawe azocika imaraya mu gisagara, abahungu bawe n’abakobwa bawe na bo bicwe n’inkota. Amatongo yawe azogaburwa hakoreshejwe umugozi*, nawe uzopfira mu gihugu gihumanye. Kandi Abisirayeli ntibazobura gukurwa mu gihugu cabo bakajanwa mu bunyagano+.’”»
8 Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova yanyeretse: nabonye igiseke kirimwo ivyamwa vyo mu ci. 2 Aca ambaza ati: «Ubona iki ga Amosi?» Nanje nti: «Igiseke kirimwo ivyamwa vyo mu ci.» Maze Yehova ambwira ati: «Iherezo ryashitse ku bantu banje b’Abisirayeli. Sinzosubira kubababarira+. 3 “Kuri uwo musi, indirimbo zo mu rusengero zizohinduka amaborogo+”, ni ko Umukama Segaba Yehova avuze. “Ahantu hose hazoba handagaye imivyimba+. Kazoba ari agacerere gusa!”
4 Nimwumve ibi mwe muhonyanga abakene,
mukazimanganya abantu bitonda bo mu gihugu+,
5 mukavuga ngo: “Umusi mukuru w’imboneko y’ukwezi uzohera ryari+ kugira twigurishirize intete?
Canke isabato+ izohera ryari kugira twidandarize intete?
Tuzogabanya ingero ya efa*,
twongereze uburemere bwa shekeli*,
kandi tuzirike iminzane yacu+.
aboro tubagure umwambaro w’ibirato*+,
twongere tugurishe ibikumbi vy’intete.”
Mbega ntikizoduga nk’uruzi Nili?
Kizosuriranya congere gihwame nk’uruzi Nili rwo mu Misiri+”
9 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Kuri uwo musi,
nzotuma izuba rirenga ku mutaga,
kandi nzotuma igihugu gicika umwiza izuba riva+.
Nzotuma abantu bose bakenyera amagunira, ntume bimwesha igipara.
Nzotuma uwo musi ubabera nk’umusi wo kugandarira umwana w’ikinege,
kandi amaherezo yawo azoba ari amarira gusa.”
11 Umukama Segaba Yehova avuze ati: “Ehe imisi irageze,
aho nzoteza inzara mu gihugu,
atari inzara y’ibifungurwa n’inyota y’amazi,
ahubwo izoba ari iyo kwumva amajambo ya Yehova+.
12 Bazogenda baricako bava ku kiyaga baja ku kindi,
bava mu buraruko baja mu buseruko.
Bazoyerera barondera ijambo rya Yehova, ariko ntibazorironka.
13 Kuri uwo musi, abakobwa bezabeza b’isugi
hamwe n’imisore bazorabikwa n’inyota.
14 Abarahira ikosa rya Samariya+, bakavuga ngo:
‘Ewe Dani+, ndakurahiye ukubaho kw’imana yawe’,
kandi ngo: ‘Ndakurahiye ukubaho kw’inzira ija i Beri-Sheba+’,
bazogwa kandi ntibazosubira guhaguruka+.”»
9 Nabonye Yehova+ ari hejuru y’igicaniro, maze avuga ati: «Kubita hejuru ku nkingi* ku buryo no hasi hanyiganyiga. Menagura imitwe yazo, abasigaye na bo ndabicishe inkota. Nta n’umwe azoncarukana, kandi n’uwogerageza guhunga ntibizokunda+.
Nibanyinyegeza munsi y’amazi,
nzotegeka inzoka ibakomorereyo.
4 Nibagirwa imbohe mu gihugu c’abansi babo,
nzotegeka inkota maze ibicireyo+.
Nzobashinga ijisho kugira ndabagirire nabi, atari kugira ndabagirire neza+.
5 Kuko Umukama Segaba, Yehova Nyeningabo, ari we akora ku gihugu*
ku buryo gishonga+, maze ababa muri co bose bakagandara+.
Igihugu cose kizoduga nk’uruzi Nili,
congere gihwame nk’uruzi Nili rwo mu Misiri+.
6 “Umwe yubaka ingazi ziwe kw’ijuru,
akubaka inyubakwa* yiwe hejuru y’isi,
umwe ahamagara amazi yo mu kiyaga
kugira ayasuke kw’isi+,
izina ryiwe ni Yehova+.
7 Yemwe Bisirayeli, mbega kuri jewe ntimumeze nk’abana b’Abakushi?” ni ko Yehova avuze.
“Mbega sinaduganye Isirayeli ndayikuye mu Misiri+,
Abafilisitiya nkabakura i Kirete+, Siriya na yo nkayikura i Kiri+?
Ariko ntazozimanganya buhere inzu ya Yakobo+”, ni ko Yehova avuze.
9 “Kuko ngira ntange itegeko,
kandi nzoshwiragiza Abisirayeli mu mahanga yose+,
kurya umuntu ayunguruza akayungiro
ntihagire ibuye na rimwe rigwa hasi.
10 Abantu bose bo mw’ihanga ryanje bacumura bazokwicwa n’inkota,
abo bose bavuga ngo: ‘Ikiza ntikizotwegera canke ngo kidukoreko.’
11 Kuri uwo musi nzovyura urusago* rwa Dawidi+ rwatemvye,
nzibire ibitoboro vyarwo*
kandi nzosanura aho rwasambutse.
Nzosubira kurwubaka nk’uko rwari rumeze kera+,
12 kugira bigarurire ibisigarira vya Edomu+,
hamwe n’amahanga yose yitirirwa izina ryanje”, ni ko Yehova avuze, ari na we ariko arabikora.
13 Yehova avuze ati: “Ehe imisi iraje,
aho umurimyi azohamvya umwimbuzi,
uwugana* inzabibu na we agahamvya uwutera imbuto+.
Imisozi izotonyanga umuvinyu usosa+,
14 Nzogarukana abantu banje b’Abisirayeli bagizwe imbohe+.
Bazosubira kwubaka ibisagara vyabaye umusaka maze babibemwo+.
Bazotera imizabibu binywere umuvinyu wayo+,
kandi bazorima imirima bongere barye ivyo bimbuye+.
15 Nzobateragira mu gihugu cabo,
kandi ntibazogenda basubiye kurandurwa
mu gihugu nabahaye+”, ni ko Yehova Imana yawe avuze.»
Iryo zina risobanura ngo «kuba umuzigo» canke «kwikorera umuzigo.»
Canke «yancumuyeko.»
Ni ibikoresho bakoresha mu gutonora intete. Raba Insiguro y’amajambo (Gukubita intete).
Mu giheburayo havuga ngo «uwufise agakoni k’ubwami.»
Canke «kuko bafomoje.»
Canke «yancumuyeko.»
Mu giheburayo havuga ngo «umucamanza.»
Canke «inyigisho.»
Canke «ifeza.»
Canke «isandari.»
Canke «bahurira ku mukobwa umwe mu busambanyi.»
Canke «mu rusengero.»
Canke «umutima rugabo.»
Canke «batahanye isango.»
Canke «intambwe y’umukangara ifise ivyoya kw’izosi.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «kandi ata cambo kiri mu mutego.»
Canke «adahishuriye umugambi wiwe.»
Canke «azomara inguvu zawe.»
Canke «no ku ntebe zimeze nk’uburiri z’i Damasiko.»
Canke «mwagirize.»
Canke «ibicumuro.»
Amasenge ni amenyo y’ibikoko bimwebimwe nk’inzovu n’ibindi.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «nyinshi.»
Canke «mukabwira ba shobuja.»
Canke «maze mugararize.»
Raba Insiguro y’amajambo (Ingese yʼibiterwa).
Imyelayo bayita kandi olive.
Canke «aka karirimbo k’ikigandaro.»
Mu giheburayo havuga ngo «ntimurondere.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «igacika ikintu c’amageza.»
Canke «ibamba.»
Zishobora kuba ari inyenyeri zo mu mugwi witwa Taureau mu gifaransa.
Zishobora kuba ari inyenyeri zo mu mugwi witwa Orion mu gifaransa.
Canke «ikori ry’agataka.»
Canke «ibicumuro.»
Canke «amahera y’igipfukamunwa.»
Canke «ugutahura kwimbitse.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «ibicurarangisho vy’imirya.»
Ivyo bigirwamana bishobora kuba vyerekeza ku mubumbe witwa Saturne wasengwa nk’imana.
Canke «bishinga kwiraramira.»
Biboneka ko ari ubwami bw’Ubuyuda n’ubwa Isirayeli.
Mu giheburayo havuga ngo «intebe.»
Amasenge ni amenyo y’ibikoko bimwebimwe nk’inzovu n’ibindi.
Canke «ku ntebe zimeze nk’uburiri.»
Canke «amashuri.»
Canke «ibicurarangisho vy’imirya.»
Mu giheburayo havuga ngo «ntibarwaye kubera.»
Mu giheburayo havuga ngo «sewabo.»
Canke «ibamba.»
Mu giheburayo havuga ngo «si zo zatumye twironsa amahembe.»
Canke «ku bwinjiriro bwa Hamati.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Ni ukuvuga muri Nzero no muri Ruhuhuma.
Mu giheburayo havuga ngo «yohaguruka.»
Canke «yaciye yicuza.»
Canke «karisho.» Wari umugozi uriko akantu karemereye kenena, bakoresha mu gupima amahagarara.
Mu giheburayo havuga ngo «urireyo umukate wawe.»
Canke «ahubwo narasaga insukoni z’ibiti vy’imisukomora.»
Canke «umugozi wo gupimisha.»
Raba Inyongera ya B14.
Raba Inyongera ya B14.
Canke «ifeza.»
Canke «w’isandari.»
Canke «isi.»
Canke «z’ikigandaro.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku mutwe w’inkingi.»
Canke «kw’isi.»
Canke «igisenge.»
Canke «ihema.»
Canke «ibitoboro vyabo.»
Mu giheburayo havuga ngo «uwuganisha ibirenge.»
Mu giheburayo havuga ngo «imitumba yose izoshonga.»