YOWELI
1 Iri ni ryo jambo Yehova yabwiye Yoweli* mwene Petuweli:
Mbega hari ibintu nk’ibi vyari bwigere biba mu gihe canyu,
canke mu gihe ca ba sokuruza banyu+?
3 Nimuvyiganire abana banyu,
abana banyu bavyiganire abana babo,
abana babo na bo baze bavyiganire urunganwe* rukurikira.
4 Ivyasigajwe n’inzige zikegeta vyariwe n’inzige z’amababa+,
ivyasigajwe n’inzige z’amababa vyariwe n’inzige zitagira amababa,
ivyasigajwe n’izitagira amababa na vyo vyariwe n’inzige zitema zigatongora+.
5 Ikangure mwa mborerwa+ maze murire!
Nimuboroge yemwe banywi b’umuvinyu mwese,
kuko umuvinyu usosa wakuwe mu kanwa kanyu+.
6 Hari ihanga rikomeye kandi ry’abantu benshi riduze gutera igihugu canje+.
Amenyo yaryo n’imibangabanga yaryo bimeze nk’ivy’intambwe+.
7 Ryaratikije umuzabibu wanje, risiga umusukoni wanje ari igishitsi gusa.
Ryarabishishaguye vyose ribiterera nka hariya,
risiga amashami yavyo yera.
9 Ishikanwa ry’intete+ n’iry’ibinyobwa+ ntibikiboneka mu nzu ya Yehova.
Abaherezi, ari bo basuku ba Yehova, baragandaye.
10 Ibiterwa vyo mu mirima vyahonye, ubutaka buragandaye+,
kuko intete zahonye, umuvinyu mushasha ukabura n’amavuta agahera+.
11 Abarimyi bihebuye, abakorera mu mirima y’imizabibu bariko baraboroga
kuko ingano na sayiri vyabuze.
Nta mwimbu ukiboneka mu mirima.
12 Umuzabibu wumye,
igiti c’imisukoni cakabiranye.
Igiti c’ikomamanga, ikigazi, igiti c’ipome,
emwe ibiti vyose vyo mu murima vyumye+.
Umunezero w’abantu wahindutse ibimaramare.
Nimwinjire, murare mwambaye amagunira, mwa basuku b’Imana yanje,
kuko abantu batakizana ishikanwa ry’intete+ n’iry’ikinyobwa+ mu nzu y’Imana yanyu.
14 Nimutangaze* igihe co kwisonzesha, mutangaze ikoraniro ridasanzwe+.
Nimukoranirize abashingantahe n’ababa mu gihugu bose
ku nzu ya Yehova Imana yanyu+, maze mutabaze Yehova.
15 Muragowe kubera uwo musi!
Kuko umusi wa Yehova uri hafi+,
kandi uzoza nk’agatikizo kavuye kuri Musumbavyose.
16 Mbega ibifungurwa ntivyatwawe tubona,
umunezero n’akanyamuneza na vyo bigakurwa mu nzu y’Imana yacu?
Ibigega bisigaye bigaragara.
Ububiko bw’intete bwarasambutse kuko intete zumye.
18 Mbere n’ibitungwa biraniha!
Ubusho bw’inka buguma buyerera kuko butagira uburagiro,
kandi n’ubusho bw’intama buri mu gihano.
19 Ewe Yehova, ni wewe ntabaza+,
kuko umuriro warigase uburagiro bwo mu gahinga,
urubeya na rwo rugaturira ibiti vyose vyo mw’ishamba.
20 Mbere n’ibikoko vyo mw’ishamba ni wewe bihanze amaso,
kuko imigezi y’amazi yakamye,
umuriro na wo ukayogeza uburagiro bwo mu gahinga.»
2 «Nimuvuze inzamba i Siyoni+!
Nimuvuze akaruru k’intambara ku musozi wanje mweranda!
2 Ni umusi w’umwijima n’umuzimagiza+,
umusi w’ibicu n’umwiza w’umuzitanya+.
Umeze nk’umuco w’umutwenzi uriko ushwara ku misozi.
Hari ihanga ry’abantu benshi kandi rikomeye cane+.
Nta hanga nk’iryo ryigeze kubaho,
kandi nta n’irizokwongera kubaho
mu myaka yose, uko urunganwe* rugenda rurakurikirana.
Imbere yaryo igihugu kimeze nk’itongo rya Edeni+,
inyuma yaryo hagasigara agahinga kacitse umusaka,
kandi nta na kimwe kiricoroka.
5 Igihe baduga imisozi, urwamo rwabo womengo ni urw’imikogote y’intambara+,
womenga ni urwamo rw’umuriro ukaze uriko uturira ibishakara.
Bameze nk’ingabo zikomeye zitonze ku rugamba+.
6 Amahanga azokwicwa n’intuntu kubera bo.
Abantu bose bazotekerwa n’ubwoba.
7 Biruka ku mwansi nk’abarwanyi,
bakurira impome nk’abasoda.
Umwe wese aguma atumbereye imbere,
nta n’umwe ata inzira yiwe.
8 Ntibasunikana,
umwe wese aguma mu nzira yiwe.
Hagize abahitanwa n’ibirwanisho*,
abandi baguma ku murongo.
9 Bitera mu gisagara, bakiruka hejuru ku ruhome.
Burira ku mazu, bagaca mu madirisha nk’ibisuma.
10 Imbere yabo isi irajugumira, ijuru na ryo rigatigita.
Izuba n’ukwezi bihinduka umwiza+,
inyenyeri na zo ntizisubire gukayangana.
11 Yehova azosemerera imbere y’ingabo ziwe+, kuko ari nyinshi cane+,
kandi uwushitsa ijambo ryiwe ari n’ububasha.
Emwe umusi wa Yehova urahambaye, kandi urateye ubwoba cane+.
Ni nde yowihanganira+?»
12 Ibi ni vyo Yehova avuze: «Ariko n’ubu nimungarukeko n’umutima wanyu wose+,
mwisonzeshe+, murire kandi muboroge.
13 Nimutabure imitima yanyu+, atari impuzu zanyu+,
maze mugaruke kuri Yehova Imana yanyu,
kuko ari Imana y’impuhwe* n’imbabazi, iteba gushavura+ kandi yuzuye urukundo*+.
Na we azoheza yigarure*, ntabateze ivyago.
14 Hari uwubizi? Hari aho yohindura ivyiyumviro+, akigarura.
Hari aho yobahezagira,
mukaronka intete n’ibinyobwa mushikanira Yehova Imana yanyu.
15 Nimuvuze inzamba i Siyoni!
Nimutangaze* igihe co kwisonzesha, mutangaze ikoraniro ridasanzwe+.
16 Nimukoranye abantu, mutyorore ishengero+.
Nimukoranye abatama*, mwegeranye abana n’inzoya+.
Umukwe nasohoke ave mu cumba ciwe, n’umugeni ave mu cumba ciwe.
“Ewe Yehova, niwumvire impuhwe abantu bawe!
Ntureke ngo intoranwa yawe icike akamenyo,
ngo amahanga abaganze.
Kubera iki abantu bovuga ngo: ‘Imana yabo iri hehe+?’”
19 Yehova azokwishura abantu biwe ati:
“Ngira ndabahe intete, umuvinyu mushasha n’amavuta,
kandi muzorya muhage vy’ukuri+.
Sinzosubira kwemera ko amahanga abasuzugura+.
20 Nzokwirukana abo mu buraruko baje kure yanyu.
Nzobasanzaza mu gihugu cumye kandi kitagiramwo abantu.
Ingabo zabo z’imbere* zizokwerekeza ku kiyaga co mu buseruko*,
iz’inyuma na zo zerekeze ku kiyaga co mu burengero*.
21 Wa gihugu we, ntugire ubwoba!
Nezerwa kandi uhimbarwe, kuko Yehova azokora ibintu bikomeye.
22 Ntimugire ubwoba mwa bikoko vyo mw’ishamba,
kuko uburagiro bwo mu gahinga buzototahara+,
kandi n’ibiti bizokwama ivyamwa+.
Umusukoni n’umuzabibu bizokwama ku bwinshi+.
23 Nimunezerwe bana ba Siyoni, muhimbarwe n’ivyo Yehova Imana yanyu agira akore+,
kuko azobaha imvura y’agatasi ikwiye.
Azobacuncuburira imvura,
imvura y’agatasi n’iy’impeshi, nk’uko yahora abigira+.
24 Imbuga* zo mu murima zizokwuzura intete zigosoye,
amato baganiramwo na yo asesekare umuvinyu mushasha n’amavuta+.
25 Nzobashumbusha ivyo mwatakaje mu myaka yose
inzige z’amababa, inzige zitagira amababa, inzige zitema zigatongora n’inzige zikegeta zamaze zirya ibiterwa vyanyu,
za ngabo zanje zikomeye narungika kubatera+.
kandi muzoshemeza izina rya Yehova Imana yanyu+,
we yabakoreye ibintu bitangaje.
Abantu banje ntibazosubira kumaramara+.
27 Muzomenya vy’ukuri ko ndi hagati muri Isirayeli+,
ko ndi Yehova Imana yanyu+ be n’uko ata wundi ariho!
Abantu banje ntibazosubira kumaramara.
28 Inyuma y’ivyo, nzosuka impwemu yanje+ ku bantu b’ubwoko bwose,
kandi abahungu banyu n’abakobwa banyu bazovuga ubuhanuzi,
abatama banyu barote indoto,
abasore banyu na bo babone ivyo beretswe+.
29 Mbere n’abashumba banje b’abagabo n’ab’abagore,
nzobasukako impwemu yanje muri iyo misi.
31 Imbere y’uko wa musi wa Yehova uhambaye kandi uteye ubwoba uza+,
izuba rizohinduka umwiza, ukwezi na kwo guhinduke amaraso+.
32 Umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokizwa+.
Nk’uko Yehova yabivuze, ku musozi Siyoni n’i Yeruzalemu hazogira abazorokoka+,
abo Yehova azoba yahamagaye.»
3 «Nkako, muri iyo misi no muri ico gihe,
ninagarukana abantu bagizwe imbohe bo mu Buyuda n’i Yeruzalemu+,
2 nzokwegeraniriza hamwe amahanga yose,
Aho ni ho nzobacira urubanza+
kubera ivyo bakoreye abantu banje n’intoranwa yanje Isirayeli,
kuko babashwiragije mu mahanga,
baca bagabangana igihugu canje+.
3 Bagize ubupfindo mu kugabangana abantu banje+,
bakagurisha umuhungu kugira barihe umumaraya,
n’umukobwa kugira baronke umuvinyu binywera.
4 Ewe Tiro, Sidoni, namwe turere twose tw’Ubufilisitiya,
mweho dupfa iki?
Hari ico nabakoreye ku buryo mushaka kunyihora?
Nimba muriko muranyihora,
ukwihora kwanyu nzogusubiza ku mitwe yanyu ningoga+.
5 Kuko mwatwaye ifeza zanje n’inzahabu zanje+,
mukajana ubutunzi bwanje bw’agaciro mu nsengero zanyu.
6 Abantu bo mu Buyuda n’i Yeruzalemu mwabagurishije ku Bagiriki+,
kugira mubomore baje kure y’akarere kabo.
7 Ubu rero ngira ndabagarukane ndabakure iyo mwabagurishije+,
maze nsubize ukwihora kwanyu ku mitwe yanyu.
8 Nzogurisha abahungu banyu n’abakobwa banyu ku bantu bo mu Buyuda+,
na bo bazobagurisha ku bantu b’i Sheba, ihanga rya kure cane,
kuko jewe Yehova ndabivuze.
9 Nimutangaze ibi mu mahanga+ muti:
“Nimwitegurire* intambara! Hagurutsa abagabo b’intwari!
Ingabo zose nizize maze zifate urugendo+!
10 Amasuka* yanyu nimuyacuremwo inkota, imihoro yanyu na yo muyicuremwo amacumu.
Umuntu agoyagoya navuge ati: ‘Ndakomeye.’
11 Yemwe mahanga yo hirya no hino mwese, nimuze mufashanye, mukoranire hamwe+!”»
Ewe Yehova, nuzane abanyenkomezi* bawe muri ico kibanza!
12 «Amahanga nahaguruke, aje mu kiyaya* ca Yehoshafati,
kuko ari ho nzokwicara kugira ncire urubanza amahanga yo hirya no hino yose+.
13 Nimutore agakero, kuko ivyimburwa vyeze.
Nimumanuke mugane* inzabibu, kuko uruganiro rwuzuye+.
Amato baganiramwo yasesekaye kuko ibibi vyabo birenze urugero.
15 Izuba n’ukwezi bizohinduka umwiza,
kandi n’inyenyeri zizoreka gukayangana.
16 Yehova azoroha ari i Siyoni,
asemerere ari i Yeruzalemu.
Ijuru n’isi bizonyiganyiga,
ariko Yehova azobera ubuhungiro abantu biwe+,
abere igihome gikomeye Abisirayeli.
17 Muzomenya vy’ukuri ko ndi Yehova Imana yanyu, umwe aba i Siyoni, umusozi wanje mweranda+.
18 Ico gihe imisozi izotonyanga umuvinyu usosa+,
imitumba na yo itembe amata,
kandi imigezi yose yo mu Buyuda izotemba amazi.
19 Ariko Misiri izosigara ari umusaka+,
Edomu icike agahinga kahebwe+,
kubera ikibi bakoreye abantu bo mu Buyuda+,
kandi bagasesa amaraso y’abantu b’intungane mu gihugu cabo+.
20 Ariko abantu bazokwama baba mu Buyuda
cokimwe n’i Yeruzalemu, uko urunganwe* ruzokurikira urundi+.
Iryo zina risobanura ngo «Yehova ni Imana.»
Canke «ababa kw’isi.»
Canke «iyaruka.»
Canke «umukobwa akiri muto.»
Canke «umugabo wiwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «nimukenyere.»
Canke «mwikubitagure ku gikiriza.»
Mu giheburayo havuga ngo «nimweze.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «inzabibu zumye.»
Canke «zarumiye munsi y’ibipawa vyabo.»
Canke «ababa kw’isi.»
Canke «iyaruka.»
Canke «n’imyampi.»
Canke «y’ubuntu.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «yicuze.»
Mu giheburayo havuga ngo «nimweze.»
Canke «abashingantahe.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu maso habo.»
Ni ukuvuga ikiyaga c’Umunyu.
Ni ikiyaga Mediterane.
Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.
Canke «nzotanga ibimenyetso.»
Canke «mu mwonga.»
Iryo zina risobanura ngo «Yehova ni umucamanza.»
Mu giheburayo havuga ngo «nimweze.»
Canke «amasuka arimishwa n’inka.»
Canke «abarwanyi.»
Canke «mu mwonga.»
Mu giheburayo havuga ngo «muganishe ibirenge.»
Canke «mu mwonga.»
Canke «bafatiramwo ingingo.»
Canke «umwonga.»
Canke «iyaruka.»
Mu giheburayo havuga ngo «amaraso yabo nzoyafata ko ari ay’intungane.»