ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • nwt Ezira 1:1-10:44
  • Ezira

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ezira
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Ezira

EZIRA

1 Mu mwaka wa mbere Kuro+ umwami w’Ubuperesi aganza, Yehova atuma uwo mwami* asohora itangazo mu bwami bwose aganza, kugira ivyo Yehova yavuze biciye kuri Yeremiya+ biranguke. Iryo tangazo yaranaryandikishije+. Ryavuga riti:

2 «Kuro umwami w’Ubuperesi avuze ati: “Yehova Imana yo mw’ijuru yarampaye ubwami bwose bwo mw’isi+, kandi yanshinze igikorwa co kumwubakira inzu i Yeruzalemu+ mu Buyuda. 3 Umuntu wese muri mwebwe azi ko ari uwo mu bantu biwe, Imana yiwe ibane na we. Naduge aje i Yeruzalemu mu Buyuda, asubire kwubaka inzu ya Yehova Imana ya Isirayeli we Mana y’ukuri, inzu yari i Yeruzalemu*. 4 Kavamahanga wese+, aho ari hose, ababanyi biwe* nibamufashe bamuhe ifeza, inzahabu, ibitungwa n’ibindi bintu, hamwe n’ishikanwa umuntu atanga avyishakiye, rigenewe inzu y’Imana y’ukuri+ yari i Yeruzalemu.”»

5 Maze abakuru b’imigwi mikurumikuru igize umuryango* wa Yuda n’uwa Benyamini, abaherezi n’Abalewi hamwe n’abandi bose Imana y’ukuri yavyuriye umutima* wo kubikora, bitegurira kuduga i Yeruzalemu gusubira kwubaka inzu ya Yehova yahahora. 6 Ababanyi babo bose barabafasha* babaha ibikoresho vy’ifeza, ivy’inzahabu, ibitungwa, ibintu vy’agaciro n’ibindi bintu. Aho ntituvuze amashikanwa batanze bavyishakiye.

7 Vyongeye, umwami Kuro asubiza ibikoresho vyo mu nzu ya Yehova. Nebukadinezari yari yarabikuye i Yeruzalemu abishira mu rusengero* rw’imana yiwe+. 8 Nuko Kuro umwami w’Ubuperesi arabisubiza. Yabijeje umunyabigega yitwa Mitiredati, Mitiredati na we abiharurira umukuru w’akarere k’Ubuyuda yitwa Sheshibazari*+.

9 Ivyo baharuye vyose vyari ibi: ibikoresho 30 vy’inzahabu bimeze nk’ibisimbo, ibikoresho 1.000 vy’ifeza bimeze nk’ibisimbo, ibikoresho 29 vyo gusubiriza ibindi, 10 amabakure matomato 30 y’inzahabu, amabakure matomato 410 y’ifeza, n’ibindi bikoresho 1.000. 11 Ibikoresho vyose vy’inzahabu n’ivy’ifeza vyari 5.400. Vyose Sheshibazari yagiye abijanye igihe abari mu bunyagano+ bava i Babiloni bagasubira i Yeruzalemu.

2 Aba ni bo bantu bo mu ntara* bavuye mu mbohe+ Nebukadinezari umwami wa Babiloni yari yarajanye mu bunyagano i Babiloni+, maze mu nyuma bagasubira i Yeruzalemu no mu Buyuda, umwe wese agasubira mu gisagara c’iwabo+. 2 Baje bazananye na Zerubabeli+, Yeshuwa+, Nehemiya, Seraya, Reyelaya, Morudekayi, Bilishani, Misipari, Bigivayi, Rehumu na Bayana.

Igitigiri c’abagabo b’Abisirayeli cari iki+: 3 abahungu* ba Paroshi bari 2.172. 4 Abahungu ba Shefatiya bari 372. 5 Abahungu ba Ara+ bari 775. 6 Abahungu ba Pahati-Mowabu+ bakomoka kuri Yeshuwa na Yowabu bari 2.812. 7 Abahungu ba Elamu+ bari 1.254. 8 Abahungu ba Zatu+ bari 945. 9 Abahungu ba Zakayi bari 760. 10 Abahungu ba Bani bari 642. 11 Abahungu ba Bebayi bari 623. 12 Abahungu ba Azigadi bari 1.222. 13 Abahungu ba Adonikamu bari 666. 14 Abahungu ba Bigivayi bari 2.056. 15 Abahungu ba Adini bari 454. 16 Abahungu ba Ateri bakomoka kuri Hezekiya bari 98. 17 Abahungu ba Bezayi bari 323. 18 Abahungu ba Yora bari 112. 19 Abahungu ba Hashumu+ bari 223. 20 Abahungu ba Gibari* bari 95. 21 Ab’i Betelehemu bari 123. 22 Abagabo b’i Netofa bari 56. 23 Abagabo b’i Anatoti+ bari 128. 24 Ab’i Azimaveti bari 42. 25 Ab’i Kiriyati-Yeyarimu, i Kefira n’i Beroti bari 743. 26 Ab’i Rama+ n’i Geba+ bari 621. 27 Abagabo b’i Mikimasi bari 122. 28 Abagabo b’i Beteli n’i Ayi+ bari 223. 29 Ab’i Nebo+ bari 52. 30 Abahungu b’i Magibishi* bari 156. 31 Abahungu ba Elamu wundi bari 1.254. 32 Abahungu ba Harimu bari 320. 33 Ab’i Lodi, i Hadidi n’i Ono bari 725. 34 Ab’i Yeriko bari 345. 35 Ab’i Senaya* bari 3.630.

36 Abaherezi+ bari aba: abahungu ba Yedaya+ bo mu muryango wa Yeshuwa+ bari 973. 37 Abahungu ba Imeri+ bari 1.052. 38 Abahungu ba Pashuri+ bari 1.247. 39 Abahungu ba Harimu+ bari 1.017.

40 Abalewi+ bari aba: abahungu ba Yeshuwa na Kadumiyeli+ bakomoka kuri Hodaviya bari 74. 41 Abaririmvyi+ bari aba: abahungu ba Asafu+ bari 128. 42 Abahungu b’abarinzi b’amarembo+ bari aba: abahungu ba Shalumu, aba Ateri, aba Talimoni+, aba Akubu+, aba Hatita, n’aba Shobayi. Bose hamwe bari 139.

43 Abasuku bakora ibikorwa vyo ku rusengero*+ bari aba: abahungu ba Ziha, aba Hasufa, aba Tabayoti, 44 aba Kerosi, aba Siyaha, aba Padoni, 45 aba Lebana, aba Hagaba, aba Akubu, 46 aba Hagabu, aba Salumayi, aba Hanane, 47 aba Gideli, aba Gahari, aba Reyaya, 48 aba Rezini, aba Nekoda, aba Gazamu, 49 aba Uza, aba Paseya, aba Besayi, 50 aba Asina, ab’Abamewunimu*, aba Nefusimu*, 51 aba Bakibuki, aba Hakufa, aba Harihuri, 52 aba Baziluti, aba Mehida, aba Harisha, 53 aba Barikosi, aba Sisera, aba Tema, 54 aba Neziya n’aba Hatifa.

55 Abahungu b’abasuku ba Salomo bari aba: abahungu ba Sotayi, aba Sofereti, aba Peruda+, 56 aba Yahala, aba Darikoni, aba Gideli, 57 aba Shefatiya, aba Hatili, aba Pokereti-Hazebayimu n’aba Ami.

58 Abasuku bakora ibikorwa vyo ku rusengero* n’abahungu b’abasuku ba Salomo, bose hamwe bari 392.

59 Aba bakurikira baduze bava i Teli-Mela, i Teli-Harisha, i Kerubi, i Adoni n’i Imeri, mugabo ntibashoboye kwerekana neza umuryango bavamwo n’amamuko yabo, kugira bimenyekane ko bari Abisirayeli+: 60 Abahungu ba Delaya, aba Tobiya n’aba Nekoda bari 652. 61 Mu bahungu b’abaherezi hari aba: abahungu ba Habaya, aba Hakozi+ n’aba Baruzilayi. Uwo Baruzilayi yarongoye umwe mu bakobwa ba Baruzilayi+ Umunyagileyadi, aca yitirirwa izina ryabo. 62 Abo bararondeye aho banditswe kugira ngo berekane amamuko yabo mugabo ntibahabona, bituma bakurwa mu buherezi*+. 63 Nuko buramatari* ababwira ko batoshobora kurya ku bintu vyeranda cane+ gushika habonetse umuherezi yobaza Imana biciye kuri Urimu na Tumimu*+.

64 Abantu bose bari bagize iryo shengero bari 42.360+. 65 Aho ntidushizemwo abashumba babo n’abashumbakazi babo 7.337. Bari bafise n’abaririmvyi be n’abaririmvyikazi 200. 66 Bari bafise amafarasi 736, inyumpu* 245, 67 ingamiya 435 n’indogobwa 6.720.

68 Bamwe mu bakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango ya Isirayeli bamaze gushika ku nzu ya Yehova i Yeruzalemu, baciye batanga amashikanwa bavyishakiye+ ku bw’inzu y’Imana y’ukuri, kugira ngo isubire kwubakwa* aho yahora+. 69 Umwe wese yagize uko ashoboye, batanga amadarakima* 61.000 y’inzahabu, imina* 5.000 z’ifeza+ n’amakanzu 100 y’abaherezi, babishira mu kigega c’ico gikorwa. 70 Maze abaherezi, Abalewi, abaririmvyi, abarinzi b’amarembo, abasuku bakora ibikorwa vyo ku rusengero* n’abanyagihugu basanzwe, baja kuba mu bisagara vyabo. Nuko Abisirayeli bose baja kuba mu bisagara vyabo+.

3 Ukwezi kw’indwi+ kwashitse Abisirayeli baba mu bisagara vyabo. Nuko bakoranira hamwe i Yeruzalemu bahuje inama. 2 Maze Yeshuwa+ mwene Yehozadaki n’abaherezi bagenziwe, hamwe na Zerubabeli+ mwene Shalutiyeli+ be na benewabo, bajako bubaka igicaniro c’Imana ya Isirayeli. Bacubatse kugira ngo bagishikanireko ibimazi biturirwa, nk’uko vyanditswe mu mategeko ya Musa+ wa muntu w’Imana y’ukuri.

3 Nuko bashira igicaniro aho cahora, naho batinya abantu bo mu bihugu bibanyi+. Baraheza batangura gushikanira Yehova ibimazi biturirwa kuri ico gicaniro, vyaba ivyo mu gitondo canke ivyo ku mugoroba+. 4 Maze bahimbaza umusi mukuru w’insago* nk’uko vyanditswe+. Ku musi ku musi batanga ibimazi biturirwa bingana n’igitigiri casabwa buri musi+. 5 Mu nyuma batanga ishikanwa riturirwa ryamaho+, amashikanwa atangwa ku mboneko z’ukwezi+, ay’imisi mikuru myeranda+ ya Yehova n’amashikanwa abantu bahaye Yehova bavyishakiye+. 6 Kuva ku musi wa mbere w’ukwezi kugira indwi+, batangura gushikanira Yehova ibimazi biturirwa, naho umushinge w’urusengero rwa Yehova utari bwubakwe.

7 Baha amahera abaringaniza amabuye+ n’abanyamyuga b’abahinga+. Vyongeye baha ibiribwa n’ibinyobwa n’amavuta Abanyasidoni n’Abanyatiro, kugira ngo bakure ibiti vy’amasederi i Libani babizane i Yopa+ babicishije mu kiyaga, bisunze uruhusha bari bahawe na Kuro umwami w’Ubuperesi+.

8 Mu kwezi kugira kabiri, mu mwaka ugira kabiri kuva bashitse ku nzu y’Imana y’ukuri i Yeruzalemu, Zerubabeli mwene Shalutiyeli na Yeshuwa mwene Yehozadaki na benewabo, ni ukuvuga abaherezi n’Abalewi hamwe n’abandi bose bari baravuye mu bunyagano bakaza i Yeruzalemu+, batangura igikorwa. Abalewi bafise imyaka 20 kuduga, babazeza ibanga ryo guhagarikira igikorwa co ku nzu ya Yehova. 9 Nuko Yeshuwa n’abahungu biwe na benewabo, na Kadumiyeli n’abahungu biwe, abo bose bakaba bakomoka kuri Yuda*, baja hamwe bahagarikira abakora igikorwa co mu nzu y’Imana y’ukuri. Bafadikanije na bene Henadadi+, abahungu babo na benewabo b’Abalewi.

10 Abubatsi bamaze kwubaka umushinge w’urusengero rwa Yehova+, abaherezi batora inzumbete+ bambaye impuzu zabo, Abalewi bene Asafu na bo batora ivyuma bisama. Bose bava hasi kugira ngo bashemeze Yehova bakurikije ivyo Dawidi umwami wa Isirayeli yashinze+. 11 Nuko batangura kuririmba bahanahana+, bashemeza Yehova bongera bamukengurukira, «kuko ari mwiza, urukundo* afitiye Isirayeli rukaba rwamaho ibihe vyose+.» Abantu bose baca bavuza akaruru n’ijwi rirenga bashemeza Yehova kubera ko umushinge w’inzu ya Yehova wari wubatswe. 12 Igihe umushinge w’iyo nzu wariko urubakwa, benshi mu baherezi n’Abalewi n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango ya Isirayeli barabibonye, batangura kurira baboroga cane. Bari abatama babonye urusengero rwa kera+. Abandi benshi na bo baciye bashira ijwi hejuru bakoma akaruru k’umunezero+. 13 Abantu ntibashobora gutandukanya ijwi ry’abariko bakoma akaruru k’umunezero n’ijwi ry’abariko bararira, kuko bariko bavuza urwamo rwinshi ku buryo n’abari kure cane barwumva.

4 Abansi b’umuryango wa Yuda n’uwa Benyamini+ bumvise ko abavuye mu bunyagano+ bariko bubakira urusengero Yehova Imana ya Isirayeli, 2 baca begera Zerubabeli n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango ya Isirayeli, bababwira bati: «Nimutwemerere tubafashe kwubaka kuko natwe dusenga* Imana yanyu+ cokimwe namwe. Kandi twamye tuyishikanira ibimazi kuva mu gihe ca Esari-Hadoni+ wa mwami wa Ashuri yatuzana ng’aha+.» 3 Ariko Zerubabeli na Yeshuwa n’abandi bakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango ya Isirayeli babishura bati: «Nta burenganzira mufise bwo kudufasha kwubakira inzu Imana yacu+. Ni twebwe twenyene tuzoyubakira Yehova Imana ya Isirayeli, nk’uko nyene umwami Kuro aganza Ubuperesi yabidutegetse+.»

4 Nuko abantu bo muri ico gihugu baguma baca intege* abo mu Buyuda, bongera babatera ubwoba ngo ntibubake+. 5 Baranahaye amahera abajanama bari mu ntwaro ngo barwanye imigambi y’abo mu Buyuda+ mu kiringo cose Kuro umwami w’Ubuperesi yamaze aganza, gushika ku ntwaro ya Dariyo+ umwami w’Ubuperesi. 6 Igihe Ahasuwerusi yatangura kuganza, baranditse ikete ryo kwagiriza ababa mu Buyuda n’i Yeruzalemu. 7 Ku ntwaro ya Aritazerusi umwami w’Ubuperesi, Bishilamu, Mitiredati, Tabeyeli na bagenziwe barandikiye ikete Aritazerusi. Iryo kete barihinduye mu rurimi rw’igiharameya+, baryandika mu ndome z’igiharameya*.

8 * Ng’iri ikete ryo kwagiriza ab’i Yeruzalemu umutegetsi mukuru yitwa Rehumu n’umwanditsi yitwa Shimushayi bandikiye umwami Aritazerusi. 9 (Aba ni bo banditse iryo kete: uwo mutegetsi mukuru yitwa Rehumu n’uwo mwanditsi yitwa Shimushayi na bagenzi babo, abacamanza, ba buramatari batobato, abanyamabanga, abantu b’i Ereki+, Abanyababiloni, n’ababa i Susa+, ni ukuvuga Abelamu+. 10 Harimwo n’abantu bo mu yandi mahanga Asenapari wa muntu akomeye kandi ahambaye yatwaye mu bunyagano maze akabashira mu bisagara vy’i Samariya+, n’abasigaye bo mu karere ko hakurya ya rwa ruzi runini*.) 11 Ng’ibi ivyari muri iryo kete bamurungikiye:

«Mwami Aritazerusi, ni twebwe abasuku bawe bo hakurya ya rwa ruzi runini tukwandikiye. 12 Twagomba kukumenyesha mwami yuko ba Bayuda baduga ino iwacu bavuye iwawe bashitse i Yeruzalemu. Basubiye kwubaka ca gisagara cuzuyemwo ubugarariji n’ububisha. Bariko barasozera inzitiro+ kandi bariko barasanura imishinge. 13 Umwami namenye rero yuko iki gisagara nicasubira kwubakwa n’inzitiro zaco zikarangira, abo bantu batazotanga amatagisi* canke ikibuguro*+ canke ikori ry’inzira. Ivyo bizoteza uruhombo ubutunzi bw’abami. 14 Ko agahembo kacu kava i bwami*, kandi bikaba bitabereye ko ibintu vy’umwami vyononekara tubona, ni co gituma turungitse ubutumwa bwo kubikumenyesha mwami, 15 kugira ngo hagirwe itohoza mu gitabu ca ba sokuruza bawe kivuga ivya kahise+. Muri ico gitabu ca kahise, uzovyibonera uheze umenye yuko iki gisagara ari igisagara cuzuyemwo ubugarariji, gitera ingorane abami n’intara batwara, be n’uko kuva kera camye kirimwo abatera umugumuko. Ni co catumye ico gisagara gitikizwa+. 16 Twipfuza kukumenyesha mwami yuko ico gisagara nicasubira kwubakwa n’inzitiro zaco zikarangira, ata bubasha* uzoba ugifise mu karere ko hakurya ya rwa ruzi runini+.»

17 Umwami arungikira inyishu wa mutegetsi mukuru Rehumu n’umwanditsi Shimushayi na bagenzi babo baba i Samariya, n’abasigaye bo mu karere ko hakurya ya rwa ruzi runini, ababwira ati:

«Ndabaramukije! 18 Ikete mwaturungikiye bararinsomeye mu buryo butomoye*. 19 Narasavye ko hagirwa itohoza maze basanga kuva kera ico gisagara camye ari igisagara kirwanya abami, kibamwo ubugarariji n’imigumuko+. 20 I Yeruzalemu harigeze kuba hari abami bakomeye baganza akarere kose ko hakurya ya rwa ruzi runini. Barahabwa amatagisi, ikibuguro n’ikori ry’inzira. 21 Nimutegeke rero abo bagabo bahagarike igikorwa kugira ngo ico gisagara ntigisubire kwubakwa gushika ntanze irindi tegeko. 22 Nimuvyitwararike ata kwanjanjwa kugira ngo jewe umwami singume ndahahombera+.»

23 Aho Rehumu n’umwanditsi Shimushayi na bagenzi babo bamariye gusomerwa iryo kete ry’umwami Aritazerusi, baca baja i Yeruzalemu ningoga maze bakoresha inguvu, babuza Abayuda kubandanya igikorwa. 24 Ico gihe ni ho igikorwa co ku nzu y’Imana yari i Yeruzalemu cahagarara. Vyagumye ukwo gushika mu mwaka ugira kabiri Dariyo umwami w’Ubuperesi aganza+.

5 Maze umuhanuzi Hagayi+ n’umuhanuzi Zakariya+ umwuzukuru wa Ido+, babwira ubuhanuzi Abayuda bari mu Buyuda n’i Yeruzalemu mw’izina ry’Imana ya Isirayeli yari kumwe na bo. 2 Ico gihe ni ho Zerubabeli+ mwene Shalutiyeli na Yeshuwa+ mwene Yehozadaki batangura gusubira kwubaka inzu y’Imana+ yari i Yeruzalemu, kandi abahanuzi b’Imana bari kumwe na bo babashigikiye+. 3 Maze Tatenayi buramatari w’akarere ko hakurya ya rwa ruzi runini* na Shetari-Bozenayi na bagenzi babo baraza, bababaza bati: «Ni nde yabahaye itegeko ryo kwubaka iyi nzu no kurangiza iyi nyubako*? 4 Abariko bubaka iyi nyubakwa ni bande? Tubwire amazina yabo.» 5 Mugabo Imana yari kumwe n’abashingantahe* b’Abayuda+. Kandi Tatenayi na bagenziwe ntibabahagaritse kuko bashaka kubanza kubimenyesha Dariyo, maze bakaronka ikete ririmwo inyishu yiwe.

6 Ng’ibi ivyari mw’ikete Tatenayi buramatari w’akarere ko hakurya ya rwa ruzi runini na Shetari-Bozenayi na bagenziwe, ari bo ba buramatari batobato bo mu karere ko hakurya ya rwa ruzi runini, barungikiye umwami Dariyo. 7 Mu butumwa bamurungikiye banditse bati:

«Mwami Dariyo,

Gira amahoro! 8 Twipfuza kukumenyesha mwami yuko twashitse mu ntara y’Ubuyuda, ku nzu ya ya Mana ihambaye. Twasanze iriko yubakishwa amabuye maninimanini, ibiti na vyo biriko birashirwa mu mpome. Abantu bariko barakorana umwete ico gikorwa kandi baguma bagiteza imbere. 9 Twaciye tubaza abashingantahe babo duti: “Ni nde yabahaye itegeko ryo kwubaka iyi nzu no kurangiza iyi nyubako*+?” 10 Twaranababajije amazina yabo turayandika, kugira ngo tukumenyeshe ababarongoye.

11 Batwishuye bati: “Turi abasavyi b’Imana y’ijuru n’isi, kandi turiko dusubira kwubaka iyi nzu yari yarubatswe kera. Umwami ahambaye wa Isirayeli ni we yayubatse yongera arayirangiza+. 12 Ariko kubera ko ba sogokuruza bashavuje Imana yo mw’ijuru+, yaciye ireka baratsindwa n’Umukaludaya Nebukadinezari+, umwami wa Babiloni. Iyi nzu yarayisambuye+, aca atwara ababayo mu bunyagano i Babiloni+. 13 Mugabo mu mwaka wa mbere Kuro umwami wa Babiloni aganza, we ubwiwe yaratanze itegeko ryo gusubira kwubaka iyi nzu y’Imana+. 14 Vyongeye, ibikoresho vy’inzahabu n’ivy’ifeza vyo mu nzu y’Imana Nebukadinezari yari yarakuye mu rusengero rwari i Yeruzalemu akabijana mu rusengero rw’i Babiloni, umwami Kuro yarabikuye muri urwo rusengero rw’i Babiloni+. Yaciye abiha umugabo yitwa Sheshibazari*+ yagenye ngo abe buramatari+. 15 Kuro yamubwiye ati: ‘Tora ibi bikoresho ubijane mu rusengero ruri i Yeruzalemu, kandi inzu y’Imana isubire kwubakwa aho yahora+.’ 16 Uwo Sheshibazari yaraje, ashinga imishinge y’inzu y’Imana+ iri i Yeruzalemu. Yaciye itangura kwubakwa kuva ico gihe, mugabo ntirarangira+.”

17 None rero mwami, ubishimye hogirwa itohoza mu bubiko bw’itunga ry’i bwami buri i Babiloni, bakaraba ko umwami Kuro yatanze itegeko ryo gusubira kwubaka iyo nzu y’Imana iri i Yeruzalemu+. Turagusavye mwami tuze tumenyeshwe ingingo wafashe ku bijanye n’ico kintu.»

6 Ico gihe umwami Dariyo asohora itegeko, maze hagirwa itohoza mu bubiko bw’inzandiko* aho babika ibintu vy’agaciro i Babiloni. 2 Nuko bubura umuzingo mu nyubakwa ikomeye y’i Ekibatana mu ntara y’Ubumedi. Wari wanditsemwo itegeko. Ibi ni vyo vyanditswe hisunzwe iryo tegeko:

3 «Mu mwaka wa mbere Kuro ari umwami, yaratanze itegeko ryerekeye inzu y’Imana iri i Yeruzalemu+, rigira riti: “Iyo nzu nisubire kwubakwa, habe ahantu bashikanira ibimazi, kandi imishinge yayo ikomezwe. Uburebure bwayo bw’amahagarara buze bube intambwe 60*, ubwaguke bwayo na bwo bube intambwe 60+. 4 Izobe ifise imirongo itatu y’amabuye maninimanini n’umurongo umwe w’ibiti+. Amahera azokoreshwa aze ave mu kigega c’i bwami+. 5 Nayo ibikoresho vy’inzahabu n’ivy’ifeza vyo mu nzu y’Imana Nebukadinezari yakuye mu rusengero rwari i Yeruzalemu akabizana i Babiloni+, bikwiye gusubizwa kugira ngo bije mu kibanza cavyo mu rusengero rw’i Yeruzalemu, bishirwe mu nzu y’Imana+.”

6 Nuko rero wewe Tatenayi buramatari wo mu karere ko hakurya ya rwa ruzi runini* na Shetari-Bozenayi na bagenzi banyu, ari bo ba buramatari batobato bo mu karere ko hakurya ya rwa ruzi runini+, jewe Dariyo ndabategetse ngo mureke kuvyisukamwo. 7 Nimureke igikorwa co kuri iyo nzu y’Imana kibandanye. Buramatari w’Abayuda n’abashingantahe babo nibasubire kwubaka iyo nzu y’Imana aho yahora. 8 Kandi ibi ni vyo ntegetse ko muzokorera abo bashingantahe b’Abayuda kugira ngo basubire kwubaka iyo nzu y’Imana: abo bagabo bazoze barahabwa bidatevye amahera yo gukoresha avuye mu kigega c’ubwami+, ni ukuvuga kw’ikori ritozwa mu karere ko hakurya ya rwa ruzi runini, kugira ngo ico gikorwa ntigihagarare+. 9 Kandi ivyo abaherezi bari i Yeruzalemu bazobabwira ko bakeneye vyose, baze bame babihabwa buri musi ata kivuyemwo: uri amashuri+, impfizi z’intama+ n’imyagazi y’intama+ vyo gutanga nk’amashikanwa aturirwa ahabwa Imana yo mw’ijuru, uri ingano+, umunyu+, umuvinyu+ n’amavuta+. 10 Baze babihabwe kugira bame bashikiriza Imana yo mw’ijuru amashikanwa ayihimbara, bongere bansabire*, basabire n’abahungu banje+. 11 Ntegetse kandi ko uwo wese azorenga kuri iyi ngingo, bazokura igiti ku nzu yiwe bakakimumanikako, inzu yiwe na yo igahindurwa akazu ka surwumwe* ka bose, kubera ico kintu yakoze. 12 Imana yo yatumye hitirirwa* izina ryayo+, iragatembagaza umwami wese n’abantu bose bazokwubahuka bakarenga kuri iri tegeko, barondera gusambura iyo nzu y’Imana iri i Yeruzalemu. Ni jewe Dariyo ntanze iryo tegeko. Nirikurikizwe mu maguru masha.»

13 Maze Tatenayi buramatari wo mu karere kari hakurya ya rwa ruzi runini na Shetari-Bozenayi+ na bagenzi babo, baca baranyaragasa bakora ibintu vyose umwami Dariyo yategetse. 14 Nayo abashingantahe b’Abayuda babandanya igikorwa co kwubaka, kiguma gitera imbere+. Baremeshejwe n’ubutumwa bw’umuhanuzi Hagayi+ n’umuhanuzi Zakariya+ umwuzukuru wa Ido. Nuko barangiza kwubaka iyo nzu bisunze itegeko ry’Imana ya Isirayeli+ n’irya Kuro+ na Dariyo+ na Aritazerusi+ umwami w’Ubuperesi. 15 Iyo nzu bayirangije ku musi ugira gatandatu w’ukwezi kwa Adari*, mu mwaka ugira gatandatu Dariyo ari umwami.

16 Nuko Abisirayeli, harimwo abaherezi, Abalewi+ n’abandi bahoze mu bunyagano, bagira ibirori vyo kwinjira* iyo nzu y’Imana banezerewe. 17 Muri ivyo birori vyo kwinjira inzu y’Imana, batanze ibimazi vy’impfizi z’inka 100, impfizi z’intama 200 n’imyagazi y’intama 400. Batanze n’amasuguru y’impene 12 y’ishikanwa ry’igicumuro rya Isirayeli yose, bakurikije igitigiri c’imiryango ya Isirayeli+. 18 Maze bashira abaherezi mu migwi yabo n’Abalewi mu migwi yabo, ngo bakore igikorwa c’Imana i Yeruzalemu+, hakurikijwe ivyanditswe mu gitabu ca Musa+.

19 Maze abahora mu bunyagano bahimbaza Pasika ku musi ugira 14 w’ukwezi kwa mbere+. 20 Nta n’umwe mu baherezi no mu Balewi yari ahumanye kuko bose bari bihumanuye+. Nuko bakerera ibitungwa vy’ikimazi ca Pasika vy’abahora mu bunyagano bose, ivy’abaherezi bagenzi babo n’ivyabo bwite. 21 Nuko Abisirayeli bavuye mu bunyagano babiryako hamwe n’uwo wese yavavanuye n’imigenzo ihumanye y’abandi bantu bo mu gihugu, akifatanya n’Abisirayeli kugira asenge* Yehova Imana ya Isirayeli+. 22 Bahimbaza n’umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro+ mu kiringo c’imisi indwi banezerewe, kuko Yehova yari yatumye banezerwa. Vyongeye yari yatumye umwami wa Ashuri abaraba ryiza+ ku buryo abashigikira* mu gikorwa c’inzu y’Imana y’ukuri, Imana ya Isirayeli.

7 Inyuma y’ivyo bintu, ku ntwaro ya Aritazerusi+ umwami w’Ubuperesi, Ezira*+ aragaruka. Yari mwene Seraya+, Seraya mwene Azariya, Azariya mwene Hilikiya+, 2 Hilikiya mwene Shalumu, Shalumu mwene Sadoki, Sadoki mwene Ahitubu, 3 Ahitubu mwene Amariya, Amariya mwene Azariya+, Azariya mwene Merayoti, 4 Merayoti mwene Zerahiya, Zerahiya mwene Uzi, Uzi mwene Buki, 5 Buki mwene Abishuwa, Abishuwa mwene Finehasi+, Finehasi mwene Eleyazari+, Eleyazari mwene Aroni+ umukuru w’abaherezi. 6 Uwo Ezira yaduze avuye i Babiloni. Yari umwimuzi* akaba n’umuhanga mu bijanye n’amategeko* ya Musa+ yatanzwe na Yehova Imana ya Isirayeli. Umwami yaramuhaye ivyo yasavye vyose kuko Yehova Imana yiwe yari kumwe na we*.

7 Abisirayeli bamwebamwe hamwe n’abaherezi, Abalewi+, abaririmvyi+, abarinzi b’amarembo+, n’abasuku bakora ibikorwa vyo ku rusengero*+ baduga i Yeruzalemu mu mwaka ugira indwi umwami Aritazerusi aganza. 8 Ezira yashitse i Yeruzalemu mu kwezi kugira gatanu kw’umwaka ugira indwi uwo mwami aganza. 9 Yavuye i Babiloni ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere, ashika i Yeruzalemu ku musi wa mbere w’ukwezi kugira gatanu kuko Imana yiwe nziza yari kumwe na we+. 10 Ezira yari yarateguye umutima wiwe* kugira asuzume amategeko ya Yehova, ayakurikize+ yongere yigishe muri Isirayeli amabwirizwa n’ingingo Imana yashinze biri muri ayo mategeko+.

11 Umwami Aritazerusi yarahaye ikete Ezira. Ezira yari umuherezi n’umwimuzi*, akaba n’umuhinga mu vy’amabwirizwa* n’amategeko Yehova yahaye Isirayeli. Ng’ibi ivyari muri iryo kete:

12 * «Jewe Aritazerusi+, umwami w’abami, ndakwandikiye wewe Ezira umuherezi n’umwimuzi* w’amategeko y’Imana yo mw’ijuru. Gira amahoro menshi! 13 Ng’ibi ivyo nategetse: zina Mwisirayeli aba mu karere ntwara canke umuherezi canke Umulewi wo mu Bisirayeli yipfuza kujana nawe i Yeruzalemu, nagende+. 14 Jewe umwami n’abajanama banje indwi tukurungitse ngo uje gutohoza ko abo mu Buyuda n’i Yeruzalemu bakurikiza amategeko ufise* y’Imana yawe. 15 Tukurungitse kandi kugira ngo ujane ifeza n’inzahabu jewe umwami n’abajanama banje twashimye guha Imana ya Isirayeli iba i Yeruzalemu, 16 be n’ifeza zose n’inzahabu uzohabwa* mu ntara yose ya Babiloni hamwe n’ivyo abantu n’abaherezi batanga babikunze ku bw’inzu y’Imana yabo iri i Yeruzalemu+. 17 Ivyo bintu uzoce ubikoresha udatebaganye mu kugura impfizi z’inka+, impfizi z’intama+, imyagazi y’intama+ be n’intete+ n’ibinyobwa+ vyo gutanga nk’amashikanwa ajana n’ivyo bitungwa. Uzoheze ubishikane ku gicaniro c’inzu y’Imana yanyu iri i Yeruzalemu.

18 Ifeza n’inzahabu bisigaye muze mubikoreshe ico wewe na benewanyu mubona ko kibereye, mwisunze ivyo Imana yanyu igomba. 19 Ibikoresho vyose uhawe bijanye n’igikorwa co mu nzu y’Imana yawe, uze ubishikane i Yeruzalemu imbere y’Imana+. 20 Ibindi vyose uzokenera gutanga ku bw’inzu y’Imana yawe, uze ubitange ubikuye mu kigega c’ubwami+.

21 Ng’ibi ivyo jewe umwami Aritazerusi ndabategetse mwebwe abanyabigega mwese muri mu karere ko hakurya ya rwa ruzi runini*: ikintu cose umuherezi Ezira+ akaba n’umwimuzi* w’amategeko y’Imana yo mw’ijuru azobasaba, muze mukimuhe mu maguru masha. 22 Muzomuhe ivyo azobasaba gushika kw’italanto* 100 z’ifeza, ingero zitwa koro* 100 z’ingano, ingero zitwa bati* 100 z’umuvinyu+ n’ingero za bati 100 z’amavuta+ n’umunyu+ utagira urugero. 23 Ikintu cose Imana yo mw’ijuru izotegeka, kize gikoranwe umwete ku bw’inzu yayo, kugira ngo Imana yo mw’ijuru+ ntishavurire abo mu karere ntwara be n’abahungu banje+. 24 Mumenye kandi ko ata muherezi n’umwe canke Umulewi canke umuririmvyi canke umucuraranzi+ canke uwurinda imiryango canke umusuku akorera mu rusengero*+ canke uwundi wese akorera mu nzu y’Imana, akwiye gutangishwa amatagisi canke ikibuguro*+ canke ikori ry’inzira.

25 Nawe Ezira, uzokoreshe ubukerebutsi Imana yawe yaguhaye* ugene abatware n’abacamanza kugira ngo bacire imanza abantu bose bo mu karere ko hakurya ya rwa ruzi runini, bazi amategeko y’Imana yawe. Uwutayazi na we muze muyamwigishe+. 26 Nayo umuntu wese atazokwubahiriza amategeko y’Imana yawe n’itegeko ry’umwami, aze ahabwe igihano mu maguru masha, caba ari ico kwicwa, kwomorwa, gutanga amande canke gupfungwa.»

27 Yehova Imana ya ba sogokuruza bacu nashemezwe, we yatumye umwami agira icipfuzo co gushariza inzu ya Yehova iri i Yeruzalemu+. 28 Yanyeretse urukundo rudahera*, atuma umwami+ n’abajanama biwe+ n’abatware biwe bose bahambaye bangirira neza. Kubera ko Yehova Imana yanje yari kumwe nanje, naragize umutima rugabo* ndondera mu Bisirayeli abakuru* twodugana i Yeruzalemu.

8 Aba rero ni bo bakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango itandukanye twavanye i Babiloni ku ntwaro y’umwami Aritazerusi+ hisunzwe amamuko yabo: 2 muri bene Finehasi+ hari Gerushomu. Muri bene Itamari+ hari Daniyeli. Muri bene Dawidi hari Hatushi. 3 Muri bene Shekaniya, muri bene Paroshi hari Zakariya, akaba yari kumwe n’abagabo 150 banditswe. 4 Muri bene Pahati-Mowabu+ hari Elihowenayi mwene Zerahiya, akaba yari kumwe n’abagabo 200. 5 Muri bene Zatu+ hari Shekaniya mwene Yahaziyeli, akaba yari kumwe n’abagabo 300. 6 Muri bene Adini+ hari Ebedi mwene Yonatani, akaba yari kumwe n’abagabo 50. 7 Muri bene Elamu+ hari Yeshaya mwene Ataliya, akaba yari kumwe n’abagabo 70. 8 Muri bene Shefatiya+ hari Zebadiya mwene Mikayeli, akaba yari kumwe n’abagabo 80. 9 Muri bene Yowabu hari Obadiya mwene Yehiyele, akaba yari kumwe n’abagabo 218. 10 Muri bene Bani hari Shelomiti mwene Yosifiya, akaba yari kumwe n’abagabo 160. 11 Muri bene Bebayi+ hari Zakariya mwene Bebayi, akaba yari kumwe n’abagabo 28. 12 Muri bene Azigadi+ hari Yohanani mwene Hakatani, akaba yari kumwe n’abagabo 110. 13 Muri bene Adonikamu+, ng’aya amazina y’abaje ubwa nyuma: Elifeleti, Yeyeli na Shemaya, bakaba bari kumwe n’abagabo 60. 14 Muri bene Bigivayi+ hari Utayi na Zabudi, bakaba bari kumwe n’abagabo 70.

15 Nabakoranirije ku ruzi ruja i Ahava+, tumara imisi itatu dukambitse ng’aho. Mugabo nsuzumye abantu n’abaherezi, nsanga nta Mulewi n’umwe ahari. 16 Nca ntumako Eliyezeri, Ariyeli, Shemaya, Elinatani, Yaribu, Elinatani, Natani, Zakariya na Meshulamu bakaba bari abakuru. Ntumako n’abigisha ari bo Yoyaribu na Elinatani. 17 Maze ndabategeka kuja kuraba umukuru yitwa Ido, yaba i Kasifiya. Ndabasaba kubwira Ido na benewabo bari i Kasifiya ngo batuzanire abodufasha igikorwa ku nzu y’Imana yacu. Ido na benewabo bari abasuku bakora ibikorwa vyo ku rusengero*. 18 Kubera ko Imana yacu nziza yari kumwe natwe*, batuzaniye umugabo w’ubwenge* yitwa Sherebiya+ wo muri bene Mahili+ umwuzukuru wa Lewi umuhungu wa Isirayeli. Yazananye n’abahungu biwe na benewabo, bose hamwe bakaba bari abagabo 18. 19 Batuzaniye na Hashabiya ari kumwe na Yeshaya wo mu Bamerari+, benewabo hamwe n’abahungu babo, bose hamwe bakaba bari abagabo 20. 20 Mu basuku bakora ibikorwa vyo ku rusengero* hari abagabo 220, bose amazina yabo akaba yari yaranditswe. Dawidi n’abatware ni bo bahaye Abalewi abo basuku ngo babafashe ibikorwa.

21 Maze tukiri aho ku ruzi Ahava, ntangariza bose ngo twisonzeshe kugira twicishe bugufi imbere y’Imana yacu, ngo tuyisabe ituyobore mu rugendo rwacu, twebwe n’abana bacu n’ibintu vyacu vyose. 22 Vyaranteye isoni gusaba umwami ngo aduhe abasoda n’abagendera ku mafarasi bo kudukingira umwansi mu nzira, kubera ko twari twabwiye umwami duti: «Imana yacu nziza iri* kumwe n’abayirondera bose+, mugabo abayiheba bose ibarekurirako inkomezi zayo n’ishavu ryayo+.» 23 Twaciye twisonzesha, dusaba Imana yacu ngo ibane natwe mu rugendo, na yo yumva ugutakamba kwacu+.

24 Nuko mu bakuru b’abaherezi ntoramwo 12, ari bo Sherebiya, Hashabiya+ na benewabo cumi. 25 Maze ndabapimira ifeza n’inzahabu n’ibikoresho vyari vyatanzwe n’umwami, abajanama biwe, abatware biwe n’Abisirayeli bose babayo. Bari babitanze ku bw’inzu y’Imana yacu+. 26 Ng’ibi ivyo napimye nkabaha: italanto* 650 z’ifeza, ibikoresho 100 vy’ifeza bipima italanto 2, italanto 100 z’inzahabu, 27 amabakure matomato 20 y’inzahabu aciye amadariki* 1.000, n’ibikoresho 2 vy’umujumpu mwiza w’ibara ritukura kandi rikayangana, bifise agaciro nk’ibikozwe mu nzahabu.

28 Maze ndababwira nti: «Muri beranda imbere ya Yehova+, n’ibi bikoresho ni vyeranda. Izi feza n’izi nzahabu ni ishikanwa abantu bahaye Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu bavyishakiye. 29 Mubibike neza gushika mushitse i Yeruzalemu, mukabipimira imbere y’abakuru b’abaherezi n’Abalewi n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango ya Isirayeli+ mu vyumba* vy’inzu ya Yehova.» 30 Nuko abaherezi n’Abalewi bakira izo feza n’inzahabu n’ivyo bikoresho bari bapimiwe, kugira ngo babijane i Yeruzalemu ku nzu y’Imana yacu.

31 Amaherezo ku musi ugira 12 w’ukwezi kwa mbere+, tuva ku ruzi Ahava+ dufata urugendo tuja i Yeruzalemu. Imana yacu yari kumwe natwe. Yaradukingiye abansi n’abari kudutegera ku nzira ngo batugirire nabi. 32 Nuko dushika i Yeruzalemu+. Haca imisi itatu 33 maze ku musi ugira kane dupima za feza na za nzahabu na vya bikoresho, tubipimira mu nzu y’Imana yacu+. Turaheza tubiha Meremoti+ umuhungu w’umuherezi Uriya. Yari kumwe na Eleyazari mwene Finehasi hamwe n’Abalewi, ari bo Yozabadi+ mwene Yeshuwa na Nowadiya mwene Binuwi+. 34 Vyose vyaraharuwe vyongera birapimwa, maze bandika uburemere bwavyo bwose. 35 Maze abari bagarutse bavuye mu bunyagano mu mahanga, bashikiriza Imana ya Isirayeli ibimazi biturirwa. Batanze impfizi z’inka+ 12 ku bw’Abisirayeli bose, impfizi z’intama+ 96, imyagazi y’intama 77 y’amasuguru, batanga n’amasuguru y’impene+ 12 nk’ishikanwa ry’igicumuro. Ivyo vyose vyari ishikanwa riturirwa bahaye Yehova+.

36 Maze dushikiriza amategeko y’umwami+ ivyegera* vyiwe na ba buramatari bo mu karere ko hakurya ya rwa ruzi runini*+. Baraheza bashigikira abantu, batanga n’ibikenewe ku bw’inzu y’Imana y’ukuri+.

9 Ivyo bikimara kurangira, abatware baza aho ndi, bavuga bati: «Abisirayeli n’abaherezi n’Abalewi ntibitandukanije n’abantu bo mu bihugu bibanyi. Ntibirinze n’imigenzo ishisha+ y’Abanyakanani, Abaheti, Abaperizi, Abayebusi, Abamoni, Abanyamowabu, Abanyamisiri+ n’Abamori+. 2 Bo ubwabo n’abahungu babo bararongoye bamwe mu bakobwa babo+. None ubu bavanganye n’abantu bo muri ivyo bihugu+ kandi bobo ari uruvyaro* rweranda+. Abatware bakuru n’abatware bo hasi ni bo babaye aba mbere muri ubwo buhemu.»

3 Nkimara kuvyumva, nca nitaburirako impuzu*, nishikura umushatsi n’ubwanwa maze nicara hasi numiwe. 4 Vyongeye abantu bose bubaha cane amajambo* y’Imana ya Isirayeli bakoranira aho ndi kubera ubuhemu bw’abavuye mu bunyagano. Aho hose nari nicaye numiwe gushika igihe co gutanga ishikanwa ry’intete ryo ku mugoroba kigeze+.

5 Ico gihe co gutanga ishikanwa ry’intete+ ryo ku mugoroba kigeze, nca mva hasi mu bimaramare narimwo, impuzu zanje zatabutse, maze ndapfukama nduza amaboko ndayerekeza kuri Yehova Imana yanje. 6 Ndaheza mvuga nti: «Ewe Mana yanje, numva isoni n’ibimaramare ku buryo ntokwunamura amaso ngo ndabe iyo uri. Mana yanje, dufise* amakosa menshi, n’ivyaha vyacu vyaragwiriye gushika no mw’ijuru+. 7 Kuva mu gihe ca ba sogokuruza bacu gushika n’uyu musi, ivyaha vyacu vyarabaye vyinshi+. Kandi kubera amakosa yacu, watumye twe n’abami bacu n’abaherezi bacu dutsindwa n’abami bo mu bindi bihugu, batwicisha inkota+, batugira imbohe+, baradusahura+ bongera baradutetereza, nk’uko biri uyu musi+. 8 Mugabo ubu Yehova Mana yacu utugiriye ubuntu mu kanya gatoyi. Wararetse bamwe muri twebwe barava mu bunyagano, uduha ahantu hatekanye* mu kibanza cawe ceranda+. Mana yacu, wabigize kugira ngo utume amaso yacu akayangana kubera umunezero no kugira utugarurire agatege twari abashumba. 9 Ewe Mana yacu, naho turi abashumba+ ntiwaduhebeye mu bushumba bwacu, ahubwo waratugaragarije urukundo rudahera* utuma abami b’Ubuperesi baturaba ryiza+. Ivyo wabikoze kugira ngo turonke agatege ko gusubira kwubaka inzu y’Imana yacu+ yari yarasambuwe no kugira ngo uduhe uruzitiro rw’amabuye* mu Buyuda n’i Yeruzalemu.

10 None ga Mana yacu, tuvuge iki inyuma y’ivyo vyose? Twarahevye amabwirizwa 11 waduhaye biciye ku basavyi bawe b’abahanuzi, uti: “Igihugu mugiye kwigarurira ni igihugu gihumanye kubera ko abakibamwo bahumanye, bitumwe n’imigenzo yabo ishisha bujuje ico gihugu iyo kiva kikagera kubera ubuhumane bwabo+. 12 Ntimuze rero muhe abakobwa banyu abahungu babo, canke ngo mwemere ko abakobwa babo barongorwa n’abahungu banyu+. Ntimuze mukore ikintu na kimwe cotuma baronka amahoro canke batunganirwa+. Muzoheza mukomere mwongere murye ivyiza vyo muri ico gihugu, mucigarurire kibe ic’abahungu banyu ibihe vyose.” 13 Raba ivyadushikiye vyose kubera ibibi twakoze n’ivyaha vyacu vyinshi. Yamara wewe Mana yacu ntiwatwishuye ibihuye n’amakosa yacu+, ahubwo watumye twebwe abari ng’aha turokoka tuva mu bunyagano+. 14 None twongere kurenga ku mabwirizwa yawe, duhane abageni n’abantu bakora ivyo bintu bishisha+? Wumva utoca udushavurira cane ukatuzimanganya ku buryo hatagira n’umwe asigara canke arokoka? 15 Ewe Yehova Mana ya Isirayeli, uragororotse+, kuko wazigamye bamwe muri twebwe gushika n’uyu musi. Ehe turi imbere yawe n’ivyaha vyacu vyose. Turavye uko bingana, nta burenganzira twari dufise bwo guhagarara imbere yawe+.»

10 Ezira akiriko arasenga+ yatura ibicumuro yongera arira yubaraye hasi imbere y’inzu y’Imana y’ukuri, isinzi rinini ry’abagabo n’abagore n’abana bo muri Isirayeli bakoranira aho ari, barira cane. 2 Maze Shekaniya mwene Yehiyele+ wo muri bene Elamu+ abwira Ezira ati: «Twarahemukiye Imana yacu turongora* abagore b’abanyamahangakazi bo muri iki gihugu+. Naho ari ukwo, haracariho icizigiro kuri Isirayeli. 3 Tugirane rero isezerano n’Imana yacu+ ryo kwirukana abo bagore bose n’abo bavyaye. Tubikore twisunze ivyo Yehova n’abubaha cane* amabwirizwa y’Imana yacu badusaba+, twubahirize amategeko. 4 Va hasi kuko ari wewe vyega. Natwe turi inyuma yawe. Komera rero, ubikore.»

5 Ezira aca ava hasi, asaba abakuru b’abaherezi, Abalewi n’Abisirayeli bose ngo barahire yuko bazokora ivyo Shekaniya yavuze+. Nuko bararahira. 6 Ezira aca ava imbere y’inzu y’Imana y’ukuri, aja mu cumba* ca Yehohanani mwene Eliyashibu. Naho yagiyeyo, ntiyariye canke ngo anywe amazi kuko yari akigandaye kubera ubuhemu bw’abavuye mu bunyagano+.

7 Maze batangaza mu Buyuda hose n’i Yeruzalemu ngo abahoze mu bunyagano bose bakoranire i Yeruzalemu. 8 Bamenyeshwa ko abatware n’abashingantahe bafashe ingingo y’uko uwo wese atazoba yaje mu kiringo c’imisi itatu, ibintu vyiwe vyose bizofatwa*, na we akaba igicibwa mw’ishengero ry’abavuye mu bunyagano+. 9 Nuko muri iyo misi itatu, abagabo bose bo mu Buyuda no mu karere ka Benyamini bakoranira i Yeruzalemu. Hari mu kwezi kugira icenda, ku musi ugira 20 w’ukwo kwezi. Abantu bose bari bicaye mu kigo c’inzu y’Imana y’ukuri bajugumira kubera ikibazo cabakoranije no kubera imvura nyinshi.

10 Maze umuherezi Ezira arahaguruka ababwira ati: «Mwarahemutse kubera mwarongoye abagore b’abanyamahangakazi+, mwongereza icaha c’Abisirayeli. 11 Ubu rero nimwaturire ibicumuro vyanyu Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu, mukore ivyo agomba. Nimwitandukanye n’abantu bo muri iki gihugu be n’abo bagore b’abanyamahangakazi+.» 12 Ishengero ryose rica ryishura n’ijwi rirenga riti: «Dutegerezwa gukora neza na neza ivyo utubwiye. 13 Ariko turi benshi kandi ni mu gihe c’imvura. Ntibikunda ko tuguma duhagaze hanze, kandi iki kibazo ntikizotwara umusi umwe canke ibiri kuko twagararije cane muri ivyo. 14 Turagusavye rero abatware bacu babe ari bo baserukira ishengero ryose+. Abagabo bose bo mu bisagara vyacu barongoye abagore b’abanyamahangakazi, bazoze barahurira ng’aha kw’isango babahaye. Bazoze bazananye n’abashingantahe n’abacamanza bo mu bisagara vyabo, gushika duhwamitse ishavu rirurumba Imana yacu idufitiye kubera ico kintu twakoze.»

15 Ariko Yonatani mwene Asaheli na Yahizeya mwene Tikiva barwanya ico ciyumviro, kandi Umulewi yitwa Meshulamu n’uwitwa Shabetayi+ barabashigikira. 16 Mugabo abahora mu bunyagano bashira mu ngiro ivyo bari bumvikanye. Nuko umuherezi Ezira n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango ya Isirayeli, bose bakaba bari banditswe amazina, bakoranira hamwe ukwabo ku musi wa mbere w’ukwezi kugira cumi kugira ngo bige ico kibazo. 17 Ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere ni ho barangiza gutunganya ikibazo c’abagabo barongoye abagore b’abanyamahangakazi. 18 Basanze mu bahungu b’abaherezi hari abarongoye abagore b’abanyamahangakazi+. Bari abahungu ba Yeshuwa+ mwene Yehozadaki na benewabo. Amazina yabo ni aya: Mayaseya, Eliyezeri, Yaribu na Gedaliya. 19 Mugabo basezerana* kwirukana abagore babo no gutanga impfizi y’intama kubera icaha bakoze+.

20 Abandi baherezi bakoze ico caha bari aba: mu bahungu ba Imeri+ yari Hanani na Zebadiya. 21 Mu bahungu ba Harimu+ yari Mayaseya, Eliya, Shemaya, Yehiyele na Uziya. 22 Mu bahungu ba Pashuri+ yari Eliyowenayi, Mayaseya, Ishimayeli, Netaneli, Yozabadi na Eleyasa. 23 Mu Balewi yari Yozabadi, Shimeyi, Kelaya (ari we Kelita), Petahiya, Yuda na Eliyezeri. 24 Mu baririmvyi yari Eliyashibu. Mu barinzi b’amarembo na ho yari Shalumu, Telemu na Uri.

25 Mu bandi Bisirayeli, abacumuye bari aba: mu bahungu ba Paroshi+ yari Ramiya, Iziya, Malikiya, Miyamini, Eleyazari, Malikiya na Benaya. 26 Mu bahungu ba Elamu+ yari Mataniya, Zakariya, Yehiyele+, Abudi, Yeremoti na Eliya. 27 Mu bahungu ba Zatu+ yari Eliyowenayi, Eliyashibu, Mataniya, Yeremoti, Zabadi na Aziza. 28 Mu bahungu ba Bebayi+ yari Yehohanani, Hananiya, Zabayi na Atalayi. 29 Mu bahungu ba Bani yari Meshulamu, Maluku, Adaya, Yashubu, Sheyali na Yeremoti. 30 Mu bahungu ba Pahati-Mowabu+ yari Aduna, Kelali, Benaya, Mayaseya, Mataniya, Bezaleli, Binuwi na Manase. 31 Mu bahungu ba Harimu+ yari Eliyezeri, Ishiya, Malikiya+, Shemaya, Shimeyoni, 32 Benyamini, Maluku na Shemariya. 33 Mu bahungu ba Hashumu+ yari Matenayi, Matata, Zabadi, Elifeleti, Yeremayi, Manase na Shimeyi. 34 Mu bahungu ba Bani yari Mayadayi, Amuramu, Uweli, 35 Benaya, Bedeya, Keluhi, 36 Vaniya, Meremoti, Eliyashibu, 37 Mataniya, Matenayi na Yahasu. 38 Mu bahungu ba Binuwi yari Shimeyi, 39 Shelemiya, Natani, Adaya, 40 Makinadebayi, Shashayi, Sharayi, 41 Azareli, Shelemiya, Shemariya, 42 Shalumu, Amariya na Yozefu. 43 Mu bahungu ba Nebo yari Yeyeli, Matitiya, Zabadi, Zebina, Yadayi, Yoweli na Benaya. 44 Abo bose bari bararongoye abagore b’abanyamahangakazi+. Barabirukanye bo n’abana babo+.

Mu giheburayo havuga ngo «avyura impwemu ya Kuro umwami w’Ubuperesi.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «Yehova Imana ya Isirayeli we Mana y’ukuri, ari i Yeruzalemu.»

Mu giheburayo havuga ngo «abantu b’aho abaye.»

Raba Insiguro y’amajambo (Imigwi mikurumikuru igize imiryango).

Mu giheburayo havuga ngo «impwemu.»

Mu giheburayo havuga ngo «bakomeza amaboko yabo.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu.»

Ashobora kuba ari Zerubabeli avugwa muri Ezr 2:2; 3:8.

Ishobora kuba ari intara ya Babiloni canke y’Ubuyuda.

Muri iki kigabane, ijambo «abahungu» rishobora gusigura abakomotse kuri uwo muntu aba ariko aravugwa. Mu mirongo imwimwe na ho rishobora no kuba risigura ababa ahantu kanaka.

Hashobora kandi kuvugwa ngo «b’i Gibari.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ba Magibishi.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «abahungu ba Senaya.»

Canke «Abanetinimu.» Mu giheburayo havuga ngo «abatanzwe.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «abahungu ba Mewunimu.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «abahungu b’Abanefusimu.»

Canke «Abanetinimu.» Mu giheburayo havuga ngo «abatanzwe.»

Canke «bakurwa mu buherezi kuko bafashwe ko bahumanye.»

Canke «Tirushata.» Ni izina ry’icubahiro Abaperesi baha uwutwara intara.

Raba Insiguro y’amajambo.

Inyumpu ni igikoko kivuka ku ndogobwa n’ifarasi.

Canke «kugira ngo ihagarare.»

Muri rusangi, idarakima yari ihwanye n’igiceri c’inzahabu c’Abaperesi citwa idariki capima amagarama 8,4. Si ya darakima ivugwa mu Vyanditswe vy’ikigiriki. Raba Inyongera ya B14.

Imina ivugwa mu Vyanditswe vy’igiheburayo yapima amagarama 570. Raba Inyongera ya B14.

Canke «Abanetinimu.» Mu giheburayo havuga ngo «abatanzwe.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Yitwa Hodaviya muri Ezr 2:40. Muri Neh 7:43 yitwa Hodeva.

Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»

Mu giheburayo havuga ngo «turondera.»

Mu giheburayo havuga ngo «batuma amaboko aregarega.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «baryanditse mu rurimi rw’igiharameya, maze barihindura mu rundi rurimi.»

Mu ntango igisomwa co muri Ezr 4:8 gushika 6:18 canditswe mu rurimi rw’igiharameya.

Ni akarere ko mu burengero bw’uruzi Efurate.

Ryari ikori umuntu wese yatangishwa.

Raba Insiguro y’amajambo.

Mu giharameya havuga ngo «ko turya umunyu wo ku kirimba.»

Mu giharameya havuga ngo «ata mugabane.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «bararihinduye mu rurimi numva, bararinsomera.»

Ni akarere ko mu burengero bw’uruzi Efurate.

Canke «gushiraho ibi bigiga.»

Mu giharameya havuga ngo «ijisho ry’Imana yabo ryari ku bagabo b’inararibonye.»

Canke «gushiraho ibi bigiga.»

Ashobora kuba ari Zerubabeli avugwa muri Ezr 2:2 na 3:8.

Mu giharameya havuga ngo «inzu y’inyandiko z’ivyabaye.»

Ni nk’imetero 26,7. Raba Inyongera ya B14.

Ni akarere ko mu burengero bw’uruzi Efurate.

Mu giharameya havuga ngo «basabire ubuzima bw’umwami.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ahantu barunda umwavu (amase).»

Ni ukuvuga i Yeruzalemu canke mu rusengero.

Raba Inyongera ya B15.

Canke «kwegurira Imana.»

Mu giheburayo havuga ngo «arondere.»

Mu giheburayo havuga ngo «akomeza amaboko yabo.»

Iryo zina risobanura ngo «imfashanyo.»

Canke «umwanditsi.»

Canke «yari umuhanga mu bijanye no kwimura amategeko.»

Canke «kuko ukuboko kwa Yehova Imana yiwe kwari kuri we.»

Canke «Abanetinimu.» Mu giheburayo havuga ngo «abatanzwe.»

Canke «yari yariyemeje mu mutima wiwe.»

Canke «umwanditsi.»

Canke «umwimuzi w’amajambo y’amabwirizwa.»

Mu ntango igisomwa co muri Ezr 7:12 gushika 7:26 canditswe mu rurimi rw’igiharameya.

Canke «umwanditsi.»

Mu giharameya havuga ngo «ari mu kuboko kwawe.»

Mu giharameya havuga ngo «uzosanga.»

Ni akarere ko mu burengero bw’uruzi Efurate.

Canke «umwanditsi.»

Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.

Koro imwe yaja mu kintu c’amalitiro 220. Raba Inyongera ya B14.

Bati imwe yangana n’amalitiro 22. Raba Inyongera ya B14.

Canke «Abanetinimu.» Mu giharameya havuga ngo «abatanzwe.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Mu giharameya havuga ngo «uzokwisunge ubukerebutsi bw’Imana yawe buri mu kuboko kwawe.»

Canke «rudahemuka.»

Canke «narikomeje.»

Mu giheburayo havuga ngo «imitwe.»

Canke «Abanetinimu.» Mu giheburayo havuga ngo «abatanzwe.»

Canke «kubera ko ukuboko kwiza kw’Imana yacu kwari kuri twebwe.»

Canke «yiyubara.»

Canke «Abanetinimu.» Mu giheburayo havuga ngo «abatanzwe.»

Canke «ukuboko kwiza kw’Imana yacu kuri.»

Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.

Idariki cari igiceri c’inzahabu c’Abaperesi. Raba Inyongera ya B14.

Canke «mu buriro.»

Igisomwa co mu ntango gikoresha izina ry’icubahiro ry’Abaperesi risobanura ngo «abarinda akarere k’umwami.» Ivyegera bivugwa ng’aha vyatwara intara zo mu nganji y’Abaperesi.

Ni akarere ko mu burengero bw’uruzi Efurate.

Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»

Mu giheburayo havuga ngo «impuzu yo hejuru n’ikanzu itagira amaboko.»

Mu giheburayo havuga ngo «bajugumira kubera amajambo.»

Canke «twikoreye ku mutwe.»

Mu giheburayo havuga ngo «uduha ikimito.»

Canke «rudahemuka.»

Canke «uruzitiro rudukingira.»

Canke «tuzana mu ngo zacu.»

Mu giheburayo havuga ngo «abajugumira kubera.»

Canke «mu buriro.»

Canke «azovyakwa bigende amazimayongo.»

Mu giheburayo havuga ngo «bahana amaboko.»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika