IGITABU CA KABIRI C’ABAMI
1 Ahabu amaze gupfa, Abanyamowabu+ bagarariza Isirayeli.
2 Umusi umwe, Ahaziya ari i Samariya akoroka aciye mu kayungiro kari ku mwenge* wo mu cumba ciwe co hejuru, aca arakomereka. Arungika rero abantu biwe, ababwira ati: «Genda mumbarize Bayali-Zebubi imana y’i Ekuroni+ ko nzokira iki gikomere+.» 3 Mugabo umumarayika wa Yehova abwira Eliya*+ w’i Tishibe ati: «Haguruka uje guhura n’intumwa z’umwami w’i Samariya, uzibwire uti: “Mbega mwabonye ko ata Mana iriho muri Isirayeli, aho muja kubaza Bayali-Zebubi imana y’i Ekuroni+? 4 Yehova rero avuze ati: ‘Uburiri uryamyeko ntuzobuvako, kuko uzopfa ata kabuza.’”» Eliya aca aragenda.
5 Abo bantu umwami yari yatumye bagarutse, ababaza ati: «Aka kanya muragarutse?» 6 Bamwishura bati: «Hari umugabo yaje guhura natwe, atubwira ati: “Nimusubire inyuma mubwire umwami yabatumye muti: ‘Yehova avuze ati: “Mbega mwabonye ko ata Mana iriho muri Isirayeli, aho muja kubaza Bayali-Zebubi imana y’i Ekuroni? Umenye rero ko uburiri uryamyeko utazobuvako, kuko uzopfa ata kabuza+.”’”» 7 Aca ababaza ati: «Uwo mugabo yaje guhura namwe akababwira ayo majambo yasa gute?» 8 Bamubwira bati: «Yari umugabo yambaye impuzu y’ubwoya+, akenyeye n’umukaba w’urushato mu kiyunguyungu+.» Umwami aca avuga ati: «Uwo ni Eliya w’i Tishibe.»
9 Maze umwami amutumako abasoda 50 bari kumwe n’umukuru wabo. Eliya yari yicaye kw’isonga ry’umusozi. Uwo mukuru w’abasoda aduga iyo ari, amubwira ati: «Muntu w’Imana y’ukuri+, umwami avuze ati: “Manuka!”» 10 Mugabo Eliya yishura uwo mukuru w’abasoda 50 ati: «Nimba ndi umuntu w’Imana, umuriro nukoroke uvuye mw’ijuru+ uguturirane n’abasoda bawe 50.» Umuriro uca ukoroka uvuye mw’ijuru, umuturirana n’abasoda biwe 50.
11 Umwami amutumako abandi basoda 50 bari kumwe n’umukuru wabo. Uwo mukuru aragenda amubwira ati: «Muntu w’Imana y’ukuri, umwami avuze ati: “Manuka ningoga!”» 12 Mugabo Eliya abishura ati: «Nimba ndi umuntu w’Imana y’ukuri, umuriro nukoroke uvuye mw’ijuru uguturirane n’abasoda bawe 50.» Umuriro w’Imana uca ukoroka uvuye mw’ijuru, umuturirana n’abasoda biwe 50.
13 Umwami araheza amutumako umugwi ugira gatatu w’abasoda 50 bari kumwe n’umukuru wabo. Mugabo uwo mukuru w’abasoda agira gatatu araduga, apfukama imbere ya Eliya, atangura kumutakambira ati: «Muntu w’Imana y’ukuri, ndakwinginze uzigame* ubuzima bwanje n’ubw’aba basuku bawe 50. 14 Umuriro wakorotse uvuye mw’ijuru, uturira imigwi ibiri ya mbere y’abasoda 50 n’abakuru bayo. Ndakwinginze rero uzigame* ubuzima bwanje.»
15 Umumarayika wa Yehova aca abwira Eliya ati: «Manuka mujane. Ntumutinye.» Ni kwo guca ahaguruka amanukana na we, baja iyo umwami ari. 16 Eliya aca abwira umwami ati: «Yehova avuze ati: “Mbega ko warungitse intumwa kubaza Bayali-Zebubi imana y’i Ekuroni+, ni uko ata Mana iriho muri Isirayeli+? Kubera iki atari yo wabajije? Umenye rero ko uburiri uryamyeko utazobuvako, kuko uzopfa ata kabuza.”» 17 Nuko Ahaziya arapfa nk’uko Yehova yari yabivuze biciye kuri Eliya. Kubera ko ata muhungu yari afise, Yehoramu*+ ni we yaciye aganza mu kibanza ciwe. Hari mu mwaka ugira kabiri Yehoramu+ mwene Yehoshafati umwami w’Ubuyuda aganza.
18 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Ahaziya+, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami ba Isirayeli.
2 Igihe Yehova yari mu kudugana Eliya+ mu kirere* akoresheje igihuhusi+, Eliya na Elisha+ baciye bava i Gilugali baragenda+. 2 Eliya abwira Elisha ati: «Ndagusavye ugume ng’aha kubera ko Yehova yantumye i Beteli.» Mugabo Elisha avuga ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, na wewe ubwawe ndakurahiye, ntituvana.» Nuko bamanuka i Beteli+. 3 Maze abana* b’abahanuzi* bari i Beteli baraza babwira Elisha bati: «Wari uzi yuko uyu musi Yehova aza gutwara shobuja, ntabe akikuyobora+?» Na we ati: «Ndabizi, nimuhore.»
4 Eliya yongera kumubwira ati: «Elisha, ndagusavye ugume ng’aha kubera ko Yehova yantumye i Yeriko+.» Mugabo amwishura ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, na wewe ubwawe ndakurahiye, ntituvana.» Nuko bajana i Yeriko. 5 Maze abana b’abahanuzi bari i Yeriko begera Elisha bamubwira bati: «Wari uzi ko uyu musi Yehova aza gutwara shobuja, ntabe akikuyobora?» Na we ati: «Ndabizi, nimuhore.»
6 Hanyuma Eliya amubwira ati: «Ndagusavye ugume ng’aha kubera ko Yehova yantumye kuri Yorodani.» Mugabo amwishura ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, na wewe ubwawe ndakurahiye, ntituvana.» Nuko babandanya urugendo. 7 Bageze kuri Yorodani barahagarara. Abana 50 b’abahanuzi bari babakurikiye baguma babarabira nka hariya. 8 Eliya aca afata impuzu* yiwe+ arayizinga hanyuma akubita amazi. Amazi aca yigaburamwo kubiri, amwe iburyo ayandi ibubamfu. Maze we na Elisha bajabuka baciye ahumutse+.
9 Bakimara kujabuka, Eliya abwira Elisha ati: «Saba ico ushaka ko ndagukorera ntarajanwa, ngatandukana nawe.» Elisha aca amubwira ati: «Ndagusavye umpe imigabane ibiri+ y’impwemu* yawe+.» 10 Eliya yishura ati: «Usavye ikintu kigoye. Niwambona njanywe, ivyo usavye urabironka. Nutambona nta vyo uronka.»
11 Bakiriko baragenda baganira, baza babona haje umukogote n’amafarasi vyaka umuriro+ birabatandukanya. Maze Eliya aduganwa mu kirere* ajanywe n’igihuhusi+. 12 Elisha yariko arabiraba, asemerera ati: «Dawe, dawe, ndabona umukogote wa Isirayeli n’abagendera ku mafarasi ba Isirayeli+!» Elisha ntiyasubira kubona Eliya. Aca yitaburirako impuzu ziwe, azicamwo kubiri+. 13 Ya mpuzu*+ ya Eliya yari yakorokeye hasi. Elisha aca arayitora asubira inyuma, ahagarara ku nkengera ya Yorodani. 14 Elisha aca afata iyo mpuzu* ya Eliya, ayikubitisha amazi maze avuga ati: «Yehova Imana ya Eliya ari hehe?» Akubise amazi, aca yigaburamwo kubiri, amwe iburyo ayandi ibubamfu, araheza arajabuka+.
15 Ba bana b’abahanuzi b’i Yeriko bamubonye nka hariya, bavuga bati: «Elisha asigaye afise impwemu ya Eliya+.» Nuko baza kumusanganira, maze baramwunamira bashika hasi. 16 Bamubwira bati: «Databuja, muri twebwe hari abagabo 50 b’intwari. Turagusavye ubareke baje kurondera shobuja. Hari aho impwemu* ya Yehova yoba yamuteruye, ikamuterera ku musozi canke mu mubande+.» Mugabo abishura ati: «Oya, ntimubarungike.» 17 Baguma bamuhata gushika aho bimubuza amahoro, maze avuga ati: «Barungike.» Barungika rero ba bagabo 50. Bamara imisi itatu bamurondera mugabo ntibamubona. 18 Igihe bagaruka, basanze Elisha ari i Yeriko+. Aca ababwira ati: «Sinari nababwiye ngo ntimugende?»
19 Mu nyuma abagabo bo muri ico gisagara babwira Elisha bati: «Databuja, nk’uko ubibona, iki gisagara kiri ahantu heza+. Mugabo amazi yaho ni mabi, n’isi yaho ntimera*.» 20 Aca avuga ati: «Nimunzanire akabakure gashasha, mugashiremwo umunyu.» Nuko barakamuzanira. 21 Maze aja kw’isoko ry’amazi, atereramwo uwo munyu+, araheza avuga ati: «Yehova avuze ati: “Aya mazi ndayatyoroye abaye meza. Ntazosubira guteza urupfu canke ngo atume isi itamera*.”» 22 Ayo mazi yaciye aba meza nk’uko Elisha yabivuze, kandi ni ko biri gushika n’uyu musi.
23 Nuko ava ng’aho, aduga i Beteli. Ariko aragenda, uduhungu tuvuye mu gisagara dutangura kumucokora+. Twaguma tumubwira ngo: «Duga, rutwe rw’ubuhanza! Duga, rutwe rw’ubuhanza!» 24 Arateba arahindukira araba abo bana, hanyuma arabavuma mw’izina rya Yehova. Maze idubu zibiri z’ingore+ ziva mw’ishamba zitabagura 42 muri bo+. 25 Abandanya urugendo gushika ku musozi Karumeli+, maze avuye ng’aho asubira i Samariya.
3 Yehoramu+ mwene Ahabu yabaye umwami wa Isirayeli i Samariya mu mwaka ugira 18 Yehoshafati umwami w’Ubuyuda aganza. Yamaze imyaka 12 aganza. 2 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi. Ariko ntiyashikiriye se canke nyina kuko yakuyeho inkingi nyeranda y’ibuye* se yari yarakoreye ikigirwamana Bayali+. 3 Mugabo yagumye akora ibicumuro nk’ivyo Abisirayeli bakoze babitumwe na Yerobowamu mwene Nebati+. Ntiyabihevye.
4 Mesha umwami wa Mowabu yari umworozi w’intama. Yahora ariha umwami wa Isirayeli ikori*: yamuha imyagazi y’intama 100.000 n’impfizi z’intama 100.000 bataramwa ubwoya. 5 Ahabu+ akimara gupfa, umwami wa Mowabu agarariza umwami wa Isirayeli+. 6 Muri ico gihe umwami Yehoramu ava i Samariya akoranya ingabo zose za Isirayeli. 7 Arungikira na Yehoshafati umwami w’Ubuyuda ubutumwa bugira buti: «Umwami wa Mowabu yangararije. None uzojana nanje gutera Abanyamowabu?» Na we ati: «Tuzojana+. Erega turi bamwe. Abasoda bawe n’abasoda banje ni bamwe. N’amafarasi yanje be n’amafarasi yawe ni ko kw’ukwo+.» 8 Aca abaza ati: «Tuzojana inzira iyihe?» Amwishura ati: «Inzira yo mu bugaragwa bw’i Edomu.»
9 Nuko umwami wa Isirayeli n’umwami w’Ubuyuda n’umwami wa Edomu+ baragenda. Bamara imisi indwi baca mu nzira iziguye, barateba babura amazi y’abasoda n’ay’ibitungwa bari bajanye. 10 Umwami wa Isirayeli aca avuga ati: «Birababaje kubona Yehova yatuzanye uko turi abami batatu kugira ngo tugwe mu maboko y’Abanyamowabu.» 11 Yehoshafati ni kwo kubaza ati: «Mbega nta muhanuzi wa Yehova ari ng’aha ngo atubarize Yehova+?» Nuko umwe mu bantu b’umwami wa Isirayeli yishura ati: «Hari Elisha+ mwene Shafati, yahora akorera Eliya*+.» 12 Yehoshafati aca avuga ati: «Yotubwira ivyo Yehova agomba ko dukora.» Nuko umwami wa Isirayeli na Yehoshafati n’umwami wa Edomu baja kuraba Elisha.
13 Elisha aca abwira umwami wa Isirayeli ati: «Undonderera iki*+? Ja ku bahanuzi ba so wawe n’aba nyoko wawe+.» Mugabo umwami wa Isirayeli amwishura ati: «Reka kuvuga gutyo kandi Yehova ari we yatuzanye uko turi abami batatu ngo tugwe mu maboko y’Abanyamowabu.» 14 Elisha na we avuga ati: «Ndakurahiye Yehova Nyeningabo, we Mana nzima nkorera*, ni uko nubashe Yehoshafati+ umwami w’Ubuyuda. Ahandiho sinari kukuraba canke ngo ndakwiteho+. 15 Nimunzanire rero umuntu avuza inanga*+.» Uwo muntu atanguye kuvuza inanga, impwemu* ya Yehova ica iza kuri Elisha+. 16 Aca avuga ati: «Yehova avuze ati: “Nimwimbe imifurege muri uyu mubande*, mwimbe musubire 17 kuko Yehova avuze ati: ‘Nta muyaga canke imvura muzobona, mugabo uyu mubande* uzokwuzura amazi+. Mwebwe n’ibitungwa vyanyu n’ibitwazi vyanyu muzoheza muyanywe.’” 18 Ariko ico ni ikintu gito kuri Yehova+. Azobafasha no gutsinda Abanyamowabu+. 19 Muze mutikize igisagara cose gikingijwe ibihome+ n’igisagara cose gihambaye, mwicire igiti ciza cose, muzibire n’amasoko yose y’amazi. Itongo ryiza ryose muze murirundemwo amabuye kugira ntihaze hagire abaririmamwo+.»
20 Bukeye, igihe co gutanga ishikanwa ry’intete ryo mu gitondo kigeze+, baza babona amazi ariko azanana i Edomu, maze umubande wose wuzura amazi.
21 Abanyamowabu bose bumva ko nya bami baje kubatera. Baca bakoranya abagabo bose bashoboye kurwana* maze baja kurindirira ku rubibe. 22 Abanyamowabu bavyutse kare mu gitondo, izuba ryariko rirasira kuri ayo mazi. Kubera ko bari bahagaze hakurya, babona ayo mazi atukura nk’amaraso. 23 Bavuga bati: «Arya ni amaraso! Ba bami basogotanye inkota, baricana. Banyamowabu, tuje gusahura+!» 24 Bashitse mw’ikambi y’Abisirayeli, Abisirayeli baca barahaguruka, batangura kwica Abanyamowabu, barahunga+. Abisirayeli bagenda barabica gushika i Mowabu. 25 Ibisagara vyaho babisenyurira hasi. Mw’itongo ryiza ryose, umusoda wese yasiga ahataye ibuye, iryo tongo rikuzura amabuye. Bazibira amasoko yose y’amazi+, bicira n’ibiti vyiza vyose+. Hasigaye gusa igisagara ca Kiri-Hareseti+ cari gikikujwe n’uruzitiro rw’amabuye. Maze abatera amabuye bakoresheje umugozi baragikikuza baragitikiza.
26 Umwami wa Mowabu abonye ko batsinzwe mu rugamba, aca ajana n’abasoda 700 barwanisha inkota kugira bicire inzira bagana umwami wa Edomu+, mugabo ntibabishobora. 27 Aca afata umuhungu wiwe w’imfura yari kumusubirira ku butegetsi, amutanga nk’ikimazi giturirwa+ hejuru ku ruzitiro rw’igisagara. Ingabo zica zishavurira cane Abisirayeli, maze zireka kurwanya umwami wa Mowabu, zisubirira mu gihugu zaje zivamwo.
4 Umugore umwe yari afise umugabo wo mu mugwi w’abana b’abahanuzi+. Umusi umwe aza kuririra Elisha ati: «Databuja, umugabo wanje akaba n’umusuku wawe, yarapfuye kandi urazi neza ko yamye atinya Yehova+. None hari umuntu yari afitiye ideni yaje gutwara abana banje bompi ngo abagire abashumba.» 2 Elisha aca amubaza ati: «Ndagufashe iki? Mbwira, ufise iki mu nzu?» Na we ati: «Jewe umusukukazi wawe nta kindi mfise mu nzu atari umubindi w’amavuta*+.» 3 Maze amubwira ati: «Genda mu babanyi bawe bose ubatire ibikoresho bigaragara kandi ntutire bike. 4 Mwe n’abahungu bawe muce mwinjira mu nzu mwiyugarane. Uheze wuzuze ivyo bikoresho vyose amavuta, ivyuzuye ubishire ku ruhande.» 5 Uwo mugore aca aragenda.
Ashitse iwe, we n’abahungu biwe baca binjira mu nzu barugara. Baza baramuha ibikoresho, na we akabisukamwo amavuta+. 6 Nya bikoresho bimaze kwuzura, abwira umuhungu wiwe ati: «Mpa ikindi gikoresho+.» Ariko uwo muhungu amwishura ati: «Vyaheze.» Ayo mavuta aca arakama+. 7 Nya mugore aja kubibwira wa muntu w’Imana y’ukuri, na we aca avuga ati: «Genda ugurishe ayo mavuta uheze urihe amadeni ufise. Amahera azoba asigaye azogutunga wewe n’abahungu bawe.»
8 Umusi umwe Elisha aja i Shunemu+. Hari umugore yubahwa yaba muri ico gisagara. Abonye Elisha aramwinginga ngo aze iwe amuzimane udufungurwa+. Kuva ico gihe, Elisha aciye muri ico gisagara yama ajayo gufungura. 9 Nuko uwo mugore abwira umugabo wiwe ati: «Uyu muntu yama aza iwacu ndazi neza yuko ari umweranda w’Imana. 10 Ndagusavye tumukorere icumba gitoyi hejuru ku nzu*+ hanyuma tumushirireyo uburiri, imeza, intebe n’ico baterekako amatara. Azoza araharara igihe cose atugendeye+.»
11 Umusi umwe Elisha aza i Shunemu, maze aja kurara muri ca cumba co hejuru. 12 Nuko abwira umusuku wiwe Gehazi+ ati: «Mpamagarira uwo Munyashunemukazi+.» Aca aramuhamagara, na we araza. 13 Maze abwira Gehazi ati: «Ndagusavye umumbwirire uti: “Waratwigoreye cane+. Hari ico ubona nogufasha+? Nta co wipfuza ko ndakubwirira umwami+ canke umukuru w’ingabo?”» Uwo mugore yishura ati: «Nta ngorane mfise. Nibera mu b’iwacu.» 14 Elisha aca abaza Gehazi ati: «Ubona twomufasha iki?» Amwishura ati: «Nta mwana* afise+, kandi umugabo wiwe arashaje.» 15 Elisha aca avuga ati: «Subira umuhamagare.» Nuko aramuhamagara, hanyuma nya mugore araza ahagarara ku muryango. 16 Maze amubwira ati: «Mu gihe nk’iki mu mwaka uza, uzoba ufise umwana w’umuhungu+.» Mugabo nya mugore amwishura ati: «Oya databuja, yaco unyizeza ibitazoba jewe umusukukazi wawe kandi uri umuntu w’Imana y’ukuri.»
17 Ariko uwo mugore arahava aribungenga, maze mu mwaka ukurikira avyara umuhungu muri ca gihe nyene, nk’uko Elisha yari yabimubwiye. 18 Uwo mwana arakura maze umusi umwe aja iyo se ari, aho yari kumwe n’abimbuzi. 19 Aguma abwira se ati: «Umutwe uranyishe, yoo umutwe uranyishe!» Se aca abwira umusuku wiwe ati: «Mutware kwa nyina.» 20 Uwo musuku aca aramutwara, amushira nyina. Nya mwana aguma ku bibero vya nyina gushika sasita, aca aracikana+. 21 Maze aramudugana, amuryamika ku buriri bwa wa muntu w’Imana y’ukuri+, aca yugara umuryango aragenda. 22 Nuko ahamagara umugabo wiwe, amubwira ati: «Ndagusavye undungikire umusuku umwe n’indogobwa imwe kugira nyaragase nje kuraba wa muntu w’Imana y’ukuri, nce ngaruka.» 23 Mugabo avuga ati: «Kubera iki ugiye kumuraba uyu musi kandi atari ku mboneko y’ukwezi+ canke kw’isabato?» Ariko nya mugore amwishura ati: «Ntuhagarike umutima nta ngorane.» 24 Aca ategura indogobwa, maze abwira umusuku wiwe ati: «Yitware unyaruka. Ntugende bukebuke ngo ni kubera jewe, kiretse ndabigusavye.»
25 Nuko agenda kuraba wa muntu w’Imana y’ukuri ku musozi Karumeli. Nya muntu w’Imana y’ukuri amubona akiri kure, aca abwira umusuku wiwe Gehazi ati: «Ehe raba wa mugore w’i Shunemu araje. 26 Ndagusavye wiruke uje kumubaza uti: “Amakuru yawe? Umugabo wawe arakomeye? N’umwana?”» Nya mugore yishura ati: «Ego ni impore.» 27 Ashikiriye umuntu w’Imana y’ukuri ku musozi, aca amufata ku birenge+. Gehazi aca aregera ngo amwigizeyo, mugabo nya muntu w’Imana y’ukuri avuga ati: «Mureke aratuntuye cane*, kandi sinzi igituma kuko Yehova ata vyo yambwiye.» 28 Uwo mugore aca avuga ati: «Mbega hari umwana nari nagusavye ga databuja? Sinakubwiye nti: “Yaco unyizeza ibitazoba+?”»
29 Elisha aca abwira Gehazi ati: «Kenyera neza impuzu*+ maze ufate inkoni yanje ugende. Nihagira uwo muhura ntumuramutse, kandi nihagira uwukuramutsa ntumwishure. Ushitseyo uce ushira inkoni yanje mu maso h’ako gahungu.» 30 Nyina wa nya gahungu aca avuga ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, na wewe ubwawe ndakurahiye, simva aha tutajanye+.» Elisha aca arahaguruka barajana. 31 Gehazi yari yabaye aragenda. Agezeyo, ashira ya nkoni mu maso ha nya gahungu, mugabo ntihagira agakoma canke ngo hagire igihinduka+. Aca asubira inyuma kuraba Elisha amubwira ati: «Ka gahungu ntikavyutse.»
32 Igihe Elisha yashika mu nzu, ikiziga c’ako gahungu bari bakiryamitse ku buriri bwiwe+. 33 Nuko yinjira mu cumba, ariyugarana we n’ako gahungu maze atangura gusenga Yehova+. 34 Araheza yurira ku buriri aryama hejuru y’uwo mwana. Ashira umunwa wiwe ku munwa wa nya mwana, n’amaso yiwe ku maso ya nya mwana n’ibiganza vyiwe ku biganza vya nya mwana. Aguma amuryamyeko maze umubiri wa nya mwana utangura gususuruka+. 35 Elisha atangura kugendagenda mu nzu, hanyuma asubira kwurira ku buriri yubarara kuri nya mwana. Uwo mwana aca yasamura incuro indwi, araheza arakanura+. 36 Elisha aca ahamagara Gehazi amubwira ati: «Mpamagarira wa mugore*.» Aramuhamagara maze aza aho Elisha ari. Elisha amubwira ati: «Akira umuhungu wawe+.» 37 Amaze kwinjira, aca agwa ku birenge vya Elisha aramwunamira ashika hasi. Hanyuma atora umwana wiwe, arasohoka.
38 Igihe Elisha yasubira i Gilugali, hari hateye inzara mu gihugu+. Nuko abwira umusuku wiwe+ ati: «Shira ya nkono nini ku ziko utekere isupu abana b’abahanuzi.» Muri uwo mwanya, abana b’abahanuzi+ bari bicaye imbere yiwe. 39 Umwe muri bo aja mu gahinga gusoroma imbogaboga maze abona umutanga*. Araheza awamurako imitangatanga, yuzuza impuzu yiwe. Agarutse ayikatagurira muri ya nkono y’isupu atazi ivyo ari vyo. 40 Baraheza barurira iyo supu ba bana b’abahanuzi. Bakiyikoza mu kanwa baca bakoma induru bati: «Muri iyi nkono hariyo ishano*, muntu w’Imana y’ukuri!» Ntibaba bakiyifungura. 41 Maze avuga ati: «Nimunzanire agafu.» Amaze kugaterera muri nya nkono, aca avuga ati: «Nimubarurire barye.» Nta kintu kibi cari kikirimwo+.
42 Haza umuntu avuye i Bayali-Shalisha+, aza azaniye Elisha wa muntu w’Imana y’ukuri imikate 20 ikozwe mu ntete za sayiri+ zamye ubwa mbere, n’isaho y’intete zikiri nshasha+. Elisha aca avuga ati: «Bihe abantu babirye.» 43 Ariko umusuku wiwe amubwira ati: «Ibi nobigaburira gute abantu 100+?» Aca amwishura ati: «We bahe gusa barye, kuko Yehova avuze ati: “Bararya kandi basigaze+.”» 44 Aca arabagaburira bararya no gusigaza barasigaza+, nk’uko Yehova yari yabivuze.
5 Hari umugabo umwe yubahwa cane yitwa Namani. Yari umukuru w’ingabo z’umwami wa Siriya. Umwami* yaramwemera cane kubera ko biciye kuri we Yehova yahaye intsinzi* Abasiriya. Yari intwari mu rugamba, ariko yari arwaye imibembe*. 2 Igihe kimwe Abasiriya baragiye gutera, maze bagira imbohe agakobwa kamwe kava mu gihugu ca Isirayeli. Kahavuye kaja gukorera umugore wa Namani. 3 Umusi umwe kabwira inabuja gati: «Hamwe databuja yoja kuraba umuhanuzi+ ari i Samariya, yomukiza imibembe+.» 4 Umwami amenyeshwa* ivyo ako gakobwa kava muri Isirayeli kavuze.
5 Maze umwami wa Siriya abwira Namani ati: «Ca ujayo! Ndakurungikana ikete uha umwami wa Isirayeli.» Nuko afata urugendo, agenda yitwaje italanto* cumi z’ifeza, inzahabu zipima shekeli* 6.000 n’imyambaro cumi y’impuzu. 6 Azanira umwami wa Isirayeli iryo kete. Ryavuga riti: «Iri kete ndarirungikanye umusuku wanje Namani kugira ngo umukize imibembe.» 7 Umwami wa Isirayeli asomye iryo kete, aca yitaburirako impuzu, maze avuga ati: «Mbaye Imana yo ishoboye kwica no gukiza+? Ehe andungikiye uyu mugabo ngo ndamukize imibembe. Uku si ukunyigenzako?»
8 Elisha wa muntu w’Imana y’ukuri yumvise ko umwami wa Isirayeli yitaburiyeko impuzu, aca amurungikira ubutumwa bugira buti: «Kubera iki witaburiyeko impuzu? Ndagusavye umundungikire, kugira ngo amenye yuko hari umuhanuzi muri Isirayeli+.» 9 Namani ni kwo guca azanana n’amafarasi yiwe n’imikogote yiwe y’intambara, ahagarara imbere y’umuryango w’inzu ya Elisha. 10 Ariko Elisha atuma uwumubwira ati: «Genda woge incuro indwi+ mu ruzi Yorodani+ uca uhumanuka, umubiri wawe usubire kumera neza.» 11 Namani aca arashavura maze aragenda. Avuga ati: «Nari nzi ngo araza ahagarare imbere yanje, ace yambaza Yehova* Imana yiwe, hanyuma azungagize ukuboko kwiwe hejuru y’imibembe yanje kugira ankize. 12 Mbega uruzi Abana n’uruzi Farupari ziri i Damasiko+ ntiziruta amazi yose yo muri Isirayeli? Sinoziyogamwo ngahumanuka?» Aca arivumbura aragenda.
13 Abasuku biwe baramwegera bamubwira bati: «Databuja*, iyo uwo muhanuzi agusaba gukora ikintu kidasanzwe, ntiwari kugikora? None ko agusavye gusa kwoga ugahumanuka, ntiwobikora?» 14 Aca amanuka ku ruzi Yorodani maze yibira incuro indwi nk’uko umuntu w’Imana y’ukuri yari yabimubwiye+. Umubiri wiwe uca usubira itoto+, umera nk’uw’akana gatoya, arahumanuka+.
15 Arangije, asubira kuri wa muntu w’Imana y’ukuri+ aherekejwe n’abari kumwe na we bose*. Ahagarara imbere yiwe, amubwira ati: «Ubu ndamenye yuko mw’isi yose ata handi hari Imana kiretse muri Isirayeli+. Ndagusavye rero wakire iyi ngabire* nkuzaniye jewe umusuku wawe.» 16 Ariko Elisha avuga ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, yo Mana nkorera*, nta yo ngenda nakiriye+.» Namani aguma amwinginga ngo ayakire mugabo aranka. 17 Amaherezo Namani amubwira ati: «Ko wanse kuyakira, ndagusavye utume umpa jewe umusuku wawe ivu ryo muri iki gihugu ryotwarwa n’indogobwa zibiri. Ndabigusavye kubera ko ata zindi mana nzosubira guha ishikanwa riturirwa canke ikimazi, kiretse Yehova. 18 Mugabo Yehova aze ambabarire jewe umusuku wawe kuri iki kintu: iyo umwami wanje* agiye mu rusengero* rw’ikigirwamana Rimoni kucunamira, yishimikiza ukuboko kwanje, nanje bikaba ngombwa ko nunama. Ndasavye rero Yehova aze ambabarire igihe cose nzoba nunamye ndi muri urwo rusengero rwa Rimoni.» 19 Elisha amwishura ati: «Genda amahoro.» Namani aca aragenda. Amaze kugenda ahatari hato, 20 Gehazi+ umusuku wa Elisha wa muntu w’Imana y’ukuri+ yibwira ati: «Databuja yanse kwakira ivyo wa Musiriya Namani+ yazanye, aramureka aragenda. Ndarahiye Yehova Imana nzima, ngira niruke ndamukurikire, ndabe ico nomukurako.» 21 Gehazi aca yiruka inyuma ya Namani. Namani abonye ko hari uwuriko aramwiruka inyuma, yururuka umukogote wiwe, aja guhura na we, hanyuma amubaza ati: «Ni impore?» 22 Amwishura ati: «Ni impore. Databuja antumye ngo ndakubwire nti: “Ngendewe n’abasore babiri bo mu bana b’abahanuzi. Baje bava mu karere k’imisozi ka Efurayimu. Ndagusavye ubahe italanto imwe y’ifeza n’imyambaro ibiri y’impuzu+.”» 23 Namani aca avuga ati: «Ehe akira italanto zibiri.» Aguma yinginga Gehazi+, maze amutekerera italanto zibiri z’ifeza mu masaho abiri, n’imyambaro ibiri y’impuzu. Abiha abasuku biwe babiri, baja imbere ya Gehazi bavyikoreye.
24 Gehazi ashitse i Ofeli*, aca atora ivyo bintu abo bagabo bari bikoreye abishira mu nzu, hanyuma arabarungika. Bamaze kugenda, 25 asubira kwa shebuja Elisha. Elisha aca amubaza ati: «Uvuye he ga Gehazi?» Na we amwishura ati: «Nta ho nigeze nja databuja+.» 26 Elisha aca amubwira ati: «Wibaza ko ntamenye ko wakurikiye* urya mugabo, agaca yururuka umukogote wiwe aje ngo muhure? Ubona iki ari co gihe co kwakira ifeza canke impuzu canke imirima y’imyelayo* canke imirima y’imizabibu canke intama canke inka canke abasuku canke abasukukazi+? 27 Imibembe ya Namani+ rero igira ikuzeko, kandi wewe n’uruvyaro rwawe izobagumako ibihe vyose.» Ubwo nyene Gehazi aca ava imbere ya Elisha yera derere*+ kubera imibembe.
6 Umusi umwe abana b’abahanuzi+ babwira Elisha bati: «Urabona ko aha hantu tubanye nawe hasigaye ari hato cane. 2 Turagusavye utureke tuje ku ruzi Yorodani, umwe wese muri twebwe ateme igiti, hanyuma twubakeyo inzu yo kubamwo.» Abishura ati: «Nimugende.» 3 Mugabo umwe muri bo amubaza ati: «Ubona wojana natwe*?» Yishura ati: «Ego turajana.» 4 Nuko ajana na bo, maze bashitse kuri Yorodani batangura guca ibiti. 5 Umwe muri bo ariko araca igiti, ishoka irarokoka igwa mu mazi. Aca arasemerera ati: «Yoo databuja, ndagowe ishoka y’abandi!» 6 Nya muntu w’Imana y’ukuri aca amubaza ati: «Yaguye he?» Arahamwereka. Uwo muntu w’Imana aca atema ingegene y’igiti ayitererayo, ya shoka ica irareremba. 7 Amubwira ati: «Yikureyo.» Aca atuma ukuboko arayitora.
8 Igihe kimwe, umwami wa Siriya aja gutera Abisirayeli+. Agisha inama intwazangabo* ziwe, azibwira ati: «Tuzokambika aha n’aha.» 9 Maze wa muntu w’Imana y’ukuri+ arungikira umwami wa Isirayeli ubutumwa bugira buti: «Uragaba ntuce aha n’aha kuko ari ho Abasiriya baza gukambika.» 10 Umwami wa Isirayeli aca arungika ubutumwa bwo kuburira ababa nya hantu Elisha wa muntu w’Imana y’ukuri yari yamubwiye. Elisha yaguma aburira umwami, na we akaza aririnda kuja aho yamubwiye+. Kandi ivyo ntivyabaye rimwe canke kabiri.
11 Maze umwami* wa Siriya araraka, aca atumako intwazangabo ziwe, azibwira ati: «Muri twebwe hari uwushigikiye umwami wa Isirayeli. Ndakeneye kumumenya.» 12 Umwe muri izo ntwazangabo amwishura ati: «Nta n’umwe mwami. Umuhanuzi wo muri Isirayeli yitwa Elisha ni we abwira umwami wa Isirayeli n’ivyo uvugira mu cumba uryamamwo+.» 13 Umwami aca ababwira ati: «Nimugende muperereze iyo ari kugira ngo ndungike abaja kumufata.» Mu nyuma bamumenyesha ko Elisha ari i Dotani+. 14 Ako kanya aca arungikayo amafarasi n’imikogote y’intambara n’ingabo nyinshi cane. Bashikayo mw’ijoro, maze bakikuza igisagara.
15 Umusuku wa nya muntu w’Imana y’ukuri avyuka kare mu gitondo maze asohoka hanze. Agize atya abona ingabo zikikuje ico gisagara hamwe n’amafarasi n’imikogote y’intambara. Nya musuku aca amubwira ati: «Turagowe, databuja! Tugire iki?» 16 Amwishura ati: «Ntutinye+ kuko abari kumwe natwe ari benshi kuruta abari kumwe na bo+.» 17 Elisha aca atangura gusenga ati: «Ewe Yehova, ndakwinginze wugurure amaso yiwe kugira ngo abone+.» Yehova aca yugurura amaso ya nya musuku, maze abona akarere k’imisozi kose kuzuye amafarasi n’imikogote y’intambara vyaka umuriro+, bikikuje Elisha+.
18 Abasiriya batangura kwegera aho Elisha ari. Elisha aca asenga Yehova ati: «Ndakwinginze aba bantu* ubateze uruhumyi+.» Abateza rero uruhumyi nk’uko Elisha yari abisavye. 19 Elisha ababwira rero ati: «Iyi nzira mwafashe si yo, n’iki gisagara mwajemwo si co. Ingo nje kubereka uwo murondera.» Ariko abajana i Samariya+.
20 Bashitse i Samariya, Elisha avuga ati: «Yehova, ndagusavye wugurure amaso y’aba bantu babone.» Yehova aca abugurura amaso, basanga bari hagati mu gisagara ca Samariya. 21 Umwami wa Isirayeli ababonye, abwira Elisha ati: «Ndabice ga dawe? Ndabice?» 22 Ariko amubwira ati: «Ntubice. Wokwica abo wafatishije inkota n’umuheto? Bahe ivyo barya* n’amazi banywa+, baheze basubire kwa shebuja.» 23 Nuko umwami abatereka inzimano idasanzwe, bararya baranywa, bahejeje abarungika kwa shebuja. Utugwi tw’abambuzi tw’Abasiriya+ ntitwigeze dusubira kugaruka mu gihugu ca Isirayeli.
24 Mu nyuma, Beni-Hadadi umwami wa Siriya akoranya ingabo* ziwe zose aja kwugariza Samariya+. 25 Maze hatera inzara ikomeye+ i Samariya. Abasiriya baguma bahugarije gushika n’aho umutwe w’indogobwa+ usigara ugurwa ifeza 80, amase y’inuma na yo angana n’ica kane c’ingero ya kabu* akagurwa ifeza 5. 26 Umusi umwe umwami wa Isirayeli yariko aragendagenda ku ruzitiro rw’igisagara, maze umugore umwe aramuririra ati: «Mfasha mwami!» 27 Umwami amwishura ati: «Yehova atagufashije, nokura hehe ivyo ndagufashisha? Ndabikure ku mbuga yo mu murima* canke mu ruganiro rw’umuvinyu canke rw’amavuta?» 28 Umwami aca amubaza ati: «Ufise ingorane iyihe?» Na we ati: «Uyu mugore yambwiye ati: “Zana umuhungu wawe tumurye uyu musi, rwanje tuzomurye ejo+.” 29 Nuko duteka umuhungu wanje, turamurya+. Umusi ukurikira ndamubwira nti: “Zana nawe umuhungu wawe tumurye.” Mugabo aramunyegeza.»
30 Umwami akimara kwumva amajambo y’uwo mugore, aca yitaburirako impuzu+. Ariko ararengana ku ruzitiro rw’igisagara, abantu babona ko yambaye igunira munsi y’impuzu ziwe. 31 Hanyuma avuga ati: «Imana izobimpanire bimwe bikomeye, ninarara ntaciye umutwe Elisha mwene Shafati+!»
32 Elisha yari yicaye mu nzu iwe, yicaranye n’abashingantahe. Umwami arungika intumwa kwa Elisha ngo imwitangire imbere. Ariko uwo muntu atarashika, Elisha abwira nya bashingantahe ati: «Uyu muhungu w’umwicanyi+ arungitse umuntu ngo ance umutwe. Nimwabona ashitse, muce mwugara umuryango kugira ntiyinjire. Mbega ntimwumva ibirenge vya shebuja aje amukurikira?» 33 Elisha akiriko aravugana na bo, nya ntumwa iba irashitse. Umwami na we ashitse, avuga ati: «Yehova ni we yaduteje ibi vyago. Kubera iki nokwirirwa ndarindira ko Yehova adufasha?»
7 Elisha aca avuga ati: «Nimwumvirize ijambo rya Yehova. Yehova avuze ati: “Ejo nk’aya mango mw’irembo* ry’i Samariya, ingero* y’ifu inoze izoba igurwa shekeli* imwe, ingero* zibiri za sayiri na zo zigurwe shekeli imwe+.”» 2 Maze igisongerezi umwami yizigira cishura uwo muntu w’Imana y’ukuri giti: «Ivyo* vyoshoboka? Naho Yehova yokwugurura ingomero zo mw’ijuru, ntivyoshoboka+.» Elisha aca amubwira ati: «Uzobibona n’amaso yawe+, ariko ntuzobiryako+.»
3 Hari abagabo bane b’abanyamibembe bari kw’irembo ry’igisagara+. Babwirana bati: «Aha nyene tugume ng’aha gushika dupfuye? 4 Nitwinjira mu gisagara hakiriyo inzara+ turapfirayo. Tugumye twicaye ng’aha, na ho nyene turuhira gupfa. Nimuze rero tuje mw’ikambi y’Abasiriya. Nibatatwica, turabaho. Nibatwica na ho, turapfa nta kundi.» 5 Nuko bahengera bumaze kwira, barahaguruka baja mw’ikambi y’Abasiriya. Bashitse ahari iyo kambi, basanga nta n’umwe ahari.
6 Yehova yari yatumye Abasiriya bumva urwamo rw’imikogote y’intambara, amafarasi, n’ingabo nyinshi cane+. Baca babwirana bati: «Murazi? Umwami wa Isirayeli yahaye amahera abami b’Abaheti n’abami ba Misiri ngo baze kuturwanya.» 7 Ubwo nyene muri ako kagoroba k’ijoro, baca barahaguruka barahunga. Basiga amahema yabo n’amafarasi yabo n’indogobwa zabo, emwe ikambi yose uko yakabaye, barahunga barayanyaga*.
8 Abo banyamibembe bashitse ahari iyo kambi, binjira mw’ihema rimwe batangura kurya no kunywa. Batora ifeza n’inzahabu n’impuzu vyariyo baja kubinyegeza. Baca baragaruka binjira mu rindi hema, bakurayo ibintu baja kubinyegeza.
9 Amaherezo babwirana bati: «Ibi turiko turagira si vyo basha. Uyu ni umusi w’akanyamuneza. Iyi nkuru nziza dukwiye kuyibwira abandi. Nitwinumira bukarinda buca, tuzoba dukwiriye guhanwa. Nimuze rero tuje kubimenyesha abo ku kirimba*.» 10 Baca baragenda bahamagara abarinzi b’irembo ry’igisagara, bababwira bati: «Twagiye mw’ikambi y’Abasiriya ariko nta n’umwe twahasanze, nta n’agakacira. Twabonyeyo gusa amafarasi n’indogobwa biziritse, amahema na yo bayataye ukwo.» 11 Ubwo nyene abo barinzi b’irembo baca bahamagara n’ijwi rirenga abo ku kirimba, barabibamenyesha.
12 Umwami aca avyuka muri iryo joro, abwira abantu biwe ati: «Reka ndababwire ivyo Abasiriya bagomba kudukorera: barazi ko dushonje+. Baciye rero bava mw’ikambi baja kwinyegeza mu gahinga bibwira bati: “Abisirayeli baca bava mu gisagara, duce tubafata ari bazima, maze twinjire mu gisagara cabo+.”» 13 Nuko umwe mu bantu biwe amubwira ati: «Dukundire turondere abagabo botwara amafarasi atanu mu yasigaye mu gisagara, tubarungike baje kuraba ivyo ari vyo. Nibabica nta kundi. Nakare Abisirayeli bose bazoba basigaye mu gisagara nta co bazoba babasumbije. Bazoba babaye nk’abandi Bisirayeli bose bamaze gupfa.» 14 Batora rero imikogote ibiri n’amafarasi, umwami aca abarungika mw’ikambi y’Abasiriya, ababwira ati: «Genda murabe uko vyifashe.» 15 Baca bagenda bakurikiye Abasiriya gushika ku ruzi Yorodani. Basanga inzira yose yuzuye impuzu n’ibikoresho bagiye barata igihe bariko barahunga bataye umutwe. Baraheza baragaruka, babimenyesha umwami.
16 Abantu baca barasohoka baja gusahura ikambi y’Abasiriya. Nuko ingero* y’ifu inoze isigara igurwa shekeli imwe, n’ingero* zibiri za sayiri zisigara zigurwa shekeli imwe, nk’uko Yehova yari yabivuze+. 17 Umwami yari yashinze irembo wa mugabo w’igisongerezi yizigira. Mugabo abantu bamuhonyangira aho mw’irembo arapfa, nk’uko wa muntu w’Imana y’ukuri yari yabivuze, igihe umwami yaja kumuraba. 18 Vyabaye nk’uko uwo muntu w’Imana y’ukuri yari yabibwiye umwami ati: «Ejo nk’aya mango mw’irembo ry’i Samariya, ingero* zibiri za sayiri zizoba zigurwa shekeli imwe, ingero* y’ifu inoze na yo igurwe shekeli imwe+.» 19 Ariko wa mugabo w’igisongerezi yari yishuye uwo muntu w’Imana y’ukuri ati: «Ivyo* vyoshoboka? Naho Yehova yokwugurura ingomero zo mw’ijuru, ntivyoshoboka.» Elisha na we ati: «Uzobibona n’amaso yawe, ariko ntuzobiryako.» 20 Ni ukwo nyene vyamugendeye, kuko abantu bamuhonyangiye mw’irembo, arapfa.
8 Elisha yari yarabwiye wa mugore yazurira* umwana w’umuhungu+ ati: «Haguruka wewe n’urugo rwawe mugende, murabe igihugu muja kubamwo, kuko Yehova yavuze ko muri iki gihugu hagiye kuba inzara+ y’imyaka indwi.» 2 Nuko uwo mugore akora nk’uko umuntu w’Imana y’ukuri yamubwiye. We n’urugo rwiwe baja kuba mu gihugu c’Abafilisitiya+, bamarayo imyaka indwi.
3 Iyo myaka indwi iheze, uwo mugore aragaruka avuye mu gihugu c’Abafilisitiya, maze aja gusaba umwami ngo asubizwe inzu yiwe n’itongo ryiwe. 4 Umwami yariko aravugana na Gehazi umusuku wa wa muntu w’Imana y’ukuri. Amubwira ati: «Ndagusavye unyiganire ibintu vyose bikomeye Elisha yakoze+.» 5 Akiriko ariganira umwami ingene Elisha yazuye uwari yapfuye+, baja babona wa mugore yazurira umwana aje kuraba umwami, kugira amusabe ngo asubizwe inzu yiwe n’itongo ryiwe+. Gehazi ni kwo guca avuga ati: «Ng’uyu wa mugore databuja mwami. Na wa muhungu wiwe Elisha yazura, ng’uyu.» 6 Umwami aca asaba nya mugore ngo abimwiganire, na we aca ajako arabimwiganira. Maze umwami amuha umukozi wo ku kirimba wo kumufasha. Amubwira ati: «Fasha uyu mugore asubizwe ivyiwe vyose, asubizwe n’ibingana n’umwimbu wovuye muri iryo tongo kuva umusi yava mu gihugu gushika ubu.»
7 Elisha aja i Damasiko+. Ico gihe Beni-Hadadi+ umwami wa Siriya yari arwaye. Bamumenyesha rero bati: «Wa muntu w’Imana y’ukuri+ yaje ino.» 8 Umwami aca abwira Hazayeli+ ati: «Ja kuraba uwo muntu w’Imana y’ukuri+, umushire n’ingabire. Umusabe ambarize Yehova ko nzokira.» 9 Hazayeli aca aja kuraba Elisha. Yagiye amushiriye ingabire igizwe n’ibintu vyiza vyose vy’i Damasiko, ibintu vyotwarwa n’ingamiya 40. Maze arashika ahagarara imbere yiwe, amubwira ati: «Umuhungu wawe* Beni-Hadadi umwami wa Siriya antumye kukubaza ati: “Ubona nzokira?”» 10 Elisha amwishura ati: «Genda umubwire uti: “Uzokira.” Mugabo Yehova yampishuriye ko azopfa+.» 11 Nuko Elisha umuntu w’Imana y’ukuri aguma araba Hazayeli gushika n’aho Hazayeli yumva isoni. Maze Elisha atangura kurira. 12 Hazayeli aca amubaza ati: «Urizwa n’iki ga databuja?» Na we amwishura ati: «Kubera nzi ikibi uzokorera Abisirayeli+. Ibibanza vyabo bikingijwe ibihome uzobiha umuriro, abagabo b’intwari ubicishe inkota, abana ubasavye, abagore bibungenze na bo ubapasure inda*+.» 13 Hazayeli aca avuga ati: «Ariko ga databuja, jewe imbwa y’imbwa, ikintu gikomeye nk’ico nogishobora?» Mugabo Elisha amwishura ati: «Yehova yanyeretse ko ugiye kuba umwami wa Siriya+.»
14 Hazayeli aca avana na Elisha asubira kwa shebuja, maze amubaza ati: «Elisha yakubwiye iki?» Na we ati: «Yambwiye ko uzokira+.» 15 Mugabo ku musi ukurikira, Hazayeli atora uburengeti abujobeka mu mazi, aca abumutsindagira* mu maso gushika apfuye+. Nuko Hazayeli atangura kuganza mu kibanza ciwe+.
16 Yehoramu+ mwene Yehoshafati umwami w’Ubuyuda yatanguye kuganza mu mwaka ugira gatanu Yehoramu+ mwene Ahabu ari umwami wa Isirayeli. Yehoshafati na we yari akiri umwami w’Ubuyuda. 17 Yehoramu yabaye umwami afise imyaka 32, aca amara imyaka umunani aganza i Yeruzalemu. 18 Yiganye akarorero kabi k’abami ba Isirayeli+, akora nk’ivyo abo mu muryango wa Ahabu bakoze+ kuko yari yararongoye umukobwa wa Ahabu+. Aguma akora ivyo Yehova abona ko ari bibi+. 19 Mugabo Yehova ntiyashaka guhonya Ubuyuda kubera umusavyi wiwe Dawidi+. Yari yamusezeraniye ko azomuha itara*+ we n’abahungu biwe ibihe vyose.
20 Ku ntwaro ya Yehoramu, Abanyedomu bagarariza Ubuyuda+, biyimikira umwami+. 21 Yehoramu aca ajabukana n’imikogote yiwe yose aja i Zayiri maze Abanyedomu baramukikuza we hamwe n’abakuru bajejwe imikogote. Mugabo ahengera mw’ijoro aravyuka, arabarwanya arabatsinda. Abasoda baca bahungira iwabo*. 22 Abanyedomu bagumye bagarariza Ubuyuda gushika n’uyu musi. Ico gihe ab’i Libuna+ na bo nyene baragarariza.
23 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Yehoramu, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami b’Ubuyuda. 24 Maze Yehoramu arapfa*, bamuhamba hamwe na ba sekuruza mu gisagara ca Dawidi+. Umuhungu wiwe Ahaziya+ aca atangura kuganza mu kibanza ciwe.
25 Ahaziya mwene Yehoramu umwami w’Ubuyuda yatanguye kuganza mu mwaka ugira 12 Yehoramu mwene Ahabu aganza Isirayeli+. 26 Ahaziya yari afise imyaka 22 igihe yatangura kuganza, amara umwaka umwe aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Ataliya+, akaba yari umwuzukuru* wa Omuri+ umwami wa Isirayeli. 27 Yakurikiye akarorero kabi k’abo mu muryango wa Ahabu+. Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi nk’abo mu muryango wa Ahabu, kuko se yari umukwe wabo+. 28 Umusi umwe aja i Ramoti-Gileyadi+ ari kumwe na Yehoramu mwene Ahabu kurwana na Hazayeli umwami wa Siriya, mugabo Abasiriya bakomeretsa Yehoramu+. 29 Maze umwami Yehoramu asubira i Yezireli+ kurwarirayo, kubera ko Abasiriya bari bamukomerekeje igihe yari i Ramoti* kurwana na Hazayeli umwami wa Siriya+. Nayo Ahaziya mwene Yehoramu umwami w’Ubuyuda aja i Yezireli gusuhuza Yehoramu mwene Ahabu, kuko yari arwaye*.
9 Nuko umuhanuzi Elisha ahamagara umwe mu bana b’abahanuzi, amubwira ati: «Kenyera neza impuzu*, uce unyaragasa utore aka gakarabo k’amavuta uje i Ramoti-Gileyadi+. 2 Niwashikayo uce urondera Yehu+ mwene Yehoshafati, Yehoshafati mwene Nimushi. Azoba ari kumwe n’abandi bakuru b’ingabo. Uce winjira umusabe ahaguruke, mujane mu cumba c’indani ahiherereye. 3 Uheze ufate ako gakarabo k’amavuta, uyasuke ku mutwe wiwe maze uvuge uti: “Yehova avuze ati: ‘Ndakurobanuje amavuta* ngo ube umwami wa Isirayeli+.’” Uce wugurura umuryango uhunge ningoga.»
4 Nuko uwo musuku wa Elisha afata inzira aja i Ramoti-Gileyadi. 5 Ahashitse, asanga abakuru b’ingabo ni ho bicaye. Aca avuga ati: «Hari ubutumwa ndagufitiye nyakwubahwa mukuru w’ingabo!» Yehu aca amubaza ati: «Uwuhe muri twebwe?» Na we ati: «Ni wewe nyakwubahwa mukuru w’ingabo.» 6 Yehu aca arahaguruka yinjira mu nzu. Uwo musuku aca amusuka amavuta ku mutwe amubwira ati: «Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: “Jewe Yehova ndakurobanuje amavuta ngo ube umwami w’abantu banje b’Abisirayeli+. 7 Uze wice abo mu muryango wa shobuja Ahabu. Jewe Yehova nzobihōra kubera amaraso y’abasavyi banje b’abahanuzi Yezebeli yasheshe. Nzobihōra kandi kubera amaraso y’abandi basavyi banje bose yishe+. 8 Nzohonya umuryango wose wa Ahabu. Nzozimanganya muri Isirayeli ab’igitsina-gabo* bose bakomoka kuri Ahabu, nzimanganye na nyarucari n’uwutagira gitabara+. 9 Umuryango wa Ahabu nzowugira nk’uwa Yerobowamu+ mwene Nebati, nongere ndawugire nk’uwa Bayasha+ mwene Ahiya. 10 Nayo Yezebeli, imbwa zizomurira mw’itongo ry’i Yezireli+, kandi nta wuzomuhamba.”» Aca yugurura umuryango, arahunga+.
11 Yehu asubiye hanze, ba bakuru b’ingabo z’umwami bamubaza bati: «Ni amahoro? Uwo musazi yakuronderera iki?» Abishura ati: «Abantu mwene abo ntimubazi? Mwibagiye ivyo bavuga?» 12 Na bo bati: «Oya tubwize ukuri.» Maze avuga ati: «Yambwiye uku n’uku, aca yongerako ati: “Yehova avuze ati: ‘Ndakurobanuje amavuta ngo ube umwami wa Isirayeli+.’”» 13 Ubwo nyene umwe wese aca afata impuzu yiwe ayisasa ku ngazi Yehu acako+. Baca bavuza inzamba bavuga bati: «Yehu abaye umwami+!» 14 Nuko Yehu+ mwene Yehoshafati, Yehoshafati mwene Nimushi, atangura gutegura umugambi wo kugirira nabi Yehoramu.
Yehoramu n’Abisirayeli bose bari bagiye i Ramoti-Gileyadi+ kurwanya Hazayeli+ umwami wa Siriya. 15 Mu nyuma umwami Yehoramu yaciye asubira i Yezireli+ kurwarirayo, kubera ko Abasiriya bari bamukomerekeje ico gihe arwana na Hazayeli umwami wa Siriya+.
Nuko Yehu avuga ati: «Nimba muvyemeye, ntimureke n’umwe ngo ave mu gisagara ngo aje kumenyesha iyi nkuru i Yezireli.» 16 Yehu aca yurira umukogote wiwe aja i Yezireli, kuko Yehoramu ari ho yari arwariye ibikomere vy’intambara. Ahaziya umwami w’Ubuyuda yari yagiyeyo gusuhuza Yehoramu. 17 Inderetsi yari ihagaze ku munara i Yezireli ibona umugwi w’abasoda bazananye na Yehu uriko uregereza. Ica ivuga iti: «Ndabona umugwi w’abasoda.» Yehoramu aca avuga ati: «Rungika uwurwanira kw’ifarasi aje guhura na bo, ababaze ko bagenzwa n’amahoro.» 18 Nuko umuntu ari kw’ifarasi aja guhura na we, amubwira ati: «Umwami avuze ati: “Mugenzwa n’amahoro?”» Mugabo Yehu avuga ati: «Amahoro uyaronderako iki? Wewe nkurikira gusa.»
Nya nderetsi ica ivuga iti: «Ya ntumwa yagiye irabashikira, mugabo mbonye itagarutse.» 19 Umwami arungika uwundi agendera kw’ifarasi, maze abashikiriye avuga ati: «Umwami avuze ati: “Mugenzwa n’amahoro?”» Mugabo Yehu amwishura ati: «Amahoro uyaronderako iki? Wewe nkurikira gusa.»
20 Nya nderetsi ica ivuga iti: «Yagiye arabashikira mugabo mbonye atagarutse. Kandi mbona uwutwara umukogote awutwara nka Yehu umwuzukuru* wa Nimushi, kuko asanzwe awutwara nk’umusazi.» 21 Yehoramu aca avuga ati: «Bohera umukogote ku mafarasi.» Baca bawubohera ku mafarasi. Maze Yehoramu umwami wa Isirayeli na Ahaziya+ umwami w’Ubuyuda burira mu mikogote yabo y’intambara, baja guhura na Yehu. Bahuriye mw’itongo rya Naboti+ w’i Yezireli.
22 Yehoramu akibona Yehu, amubaza ati: «Ugenzwa n’amahoro ga Yehu?» Na we ati: «Hoba amahoro nyabaki kandi hakiriho ubusambanyi* bwa nyoko Yezebeli+ n’ubupfumu bwiwe bwinshi+?» 23 Yehoramu aca ahindukiza umukogote ngo ahunge, maze abwira Ahaziya ati: «Tuguye mu mutego, Ahaziya!» 24 Yehu aca afora umuheto, arasa Yehoramu hagati y’ibitugu. Umwampi usohokana mu mutima, agwa mu mukogote wiwe w’intambara. 25 Yehu aca abwira igisongerezi ciwe citwa Bidikari ati: «Muterure umuterere mw’itongo rya Naboti w’i Yezireli+. Uribuka ko twe nawe twari dutwaye imikogote* inyuma ya se Ahabu igihe Yehova yamucira urubanza+. Yavuze ati: 26 “Jewe Yehova mvuze nti: ‘Ejo narabonye amaraso ya Naboti+ n’ay’abahungu biwe. Nawe umenye ko muri iri tongo ari ho nzokwishurira+ ikibi wakoze’, ni ko jewe Yehova mvuze.” Muterure rero umuterere muri iryo tongo nk’uko Yehova yabivuze+.»
27 Ahaziya+ umwami w’Ubuyuda abonye ibibaye, aca ahungana inzira ica iruhande y’inzu iri mu murima. (Mu nyuma Yehu aramukurikira avuga ati: «Na we nyene nimumwice!» Nuko bamurasira mu mukogote wiwe ariko araduga i Guri, hafi y’igisagara ca Ibuleyamu+. Mugabo aguma ahunga gushika i Megido, apfirayo. 28 Maze abantu biwe bamujana i Yeruzalemu ari mu mukogote, bamuhamba hamwe na ba sekuruza mu mva yiwe mu gisagara ca Dawidi+. 29 Ahaziya+ yari yabaye umwami w’Ubuyuda mu mwaka ugira 11 Yehoramu mwene Ahabu aganza.)
30 Yehu ashitse i Yezireli+, Yezebeli+ arabimenya. Yisiga rero ibintu vyirabura ku maso, arisokoza neza maze aza kurabira mw’idirisha ibiriko bibera hasi. 31 Yehu akiriko arinjira mw’irembo, Yezebeli amubwira ati: «Uribuka ivyashikiye Zimuri umwe yica shebuja+?» 32 Yehu aca araba hejuru kuri nya dirisha maze avuga ati: «Ni nde ari ku ruhande rwanje? Ni nde+?» Abakozi bo ku kirimba nka babiri canke batatu baca baraba hasi iyo ari. 33 Ababwira ati: «Nimumukororere hasi!» Baca baramukorora, maze amaraso yiwe atarukira ku ruhome no ku mafarasi. Yehu aca amuhonyangisha amafarasi yiwe. 34 Araheza yinjira mu nzu, ararya, aranywa. Hanyuma avuga ati: «Genda mwegeranye urya mugore w’ikivume mumuhambe, kubera ko ari umukobwa w’umwami+.» 35 Bagiye kumuhamba, bahasanga gusa agahanga n’ibirenge n’ibiganza+. 36 Nuko baragaruka barabimubwira, na we aca avuga ati: «Ivyo Yehova yavuze birarangutse+. Yari yavuze biciye ku musavyi wiwe Eliya w’i Tishibe ati: “Imbwa zizorira Yezebeli*+ mw’itongo ry’i Yezireli. 37 Umuvyimba wa Yezebeli uzoba nk’intabire mu murima uri mw’itongo ry’i Yezireli, kugira ntihaze hagire uwuvuga ngo: ‘Uyu ni Yezebeli.’”»
10 Ahabu+ yari afise abahungu 70 i Samariya. Yehu yandika rero amakete maze ayarungika i Samariya ku batware b’i Yezireli, ku bashingantahe+ no ku barezi barera abana ba Ahabu*. Ababwira ati: 2 «Muri kumwe n’abahungu ba shobuja. Mufise n’imikogote y’intambara, amafarasi n’ibirwanisho kandi muba mu gisagara gikingijwe ibihome. Iri kete niryabashikira, 3 muce muraba umwe mu bahungu ba shobuja mubona ko ameze neza kandi abibereye* kuruta abandi, abe ari we mwimika asubirire se. Muheze murwanire umuryango* wa shobuja.»
4 Mugabo baratinya rwose, bavuga bati: «Ahantu abami babiri bananiwe+, twebwe twomuva imbere?» 5 Nuko uwari ahagarikiye ivyo ku kirimba*, n’umukuru w’igisagara, n’abashingantahe na ba barezi, barungikira Yehu ubutumwa bugira buti: «Turi abasuku bawe kandi twiteguriye gukora ico udusaba cose. Nta n’umwe tugira umwami. Kora ico ubona ko kibereye.»
6 Aca abandikira irindi kete ati: «Ko wumva munshigikiye kandi mukaba mushaka kungamburukira, ejo nk’aya mango muzoze i Yezireli munzaniye imitwe y’abahungu ba shobuja.»
Ba bahungu 70 b’umwami bari kumwe n’abarezi babo. Abo barezi bari abagabo b’abanyacubahiro bo mu gisagara. 7 Nya kete rikimara kubashikira, bafata abo bahungu b’umwami uko ari 70 barabica+. Baca bashira imitwe yabo mu bisimbo, baraheza barayimurungikira i Yezireli. 8 Haza intumwa imenyesha Yehu iti: «Bazanye ya mitwe y’abahungu b’umwami.» Yehu aca avuga ati: «Nimuyishire kw’irembo ry’igisagara mu birundo bibiri, igumeho gushika mu gitondo.» 9 Bukeye mu gitondo, Yehu arasohoka ahagarara imbere y’abantu bose, ababwira ati: «Mwebwe nta kibi mwakoze*. Ni ivy’ukuri ko nateguye umugambi wo kugirira nabi umwami, ndamwica+. Mugabo none aba bose ni nde yabishe? 10 Mumenye rero ko ivyo Yehova yavuze bizoranguka. Nta na kimwe mu vyo Yehova yavuze ku muryango wa Ahabu kizogenda kitarangutse*+. Yehova akoze rero ivyo yavuze biciye ku musavyi wiwe Eliya+.» 11 Vyongeye Yehu yica abo mu muryango wa Ahabu bose bari basigaye i Yezireli, n’abagabo b’abanyacubahiro bose bamukorera, abagenzi biwe n’abaherezi biwe+. Nta n’umwe yamusigarije+.
12 Nuko Yehu aca ava ng’aho aja i Samariya. Ku nzira hari inzu abungere bazirikiramwo intama*. 13 Yehu ahahurira na benewabo na Ahaziya+ umwami w’Ubuyuda. Ababaza ati: «Muri bande?» Baca bamwishura bati: «Turi benewabo na Ahaziya. Tugiye kuraba ko abahungu b’umwami n’abahungu b’umugabekazi* bivyura.» 14 Yehu aca avuga ati: «Nimubafate!» Baca barabafata uko ari 42, babicira kw’itangi rya ya nzu bazirikiramwo intama, ntihagira n’umwe Yehu asigaza+.
15 Avuye ng’aho, ahura na Yehonadabu+ mwene Rekabu+ aje kumusanganira. Aramuramutsa* maze amubaza ati: «Umutima wawe woba uri kumwe nanje vy’ukuri*, nk’uko umutima wanje uri kumwe n’uwawe?»
Yehonadabu yishura ati: «Egome.»
Yehu aca avuga ati: «Ari ukwo rero, mpa ukuboko kwawe.»
Nuko amuha ukuboko kwiwe, Yehu aca amwuriza mu mukogote wiwe. 16 Maze amubwira ati: «Ingo tujane, urabe ingene ntihanganira na gato abahemukira* Yehova+.» Nuko Yehu amutwara mu mukogote wiwe w’intambara. 17 Ashitse i Samariya, yica abo mu muryango wa Ahabu bose bari basigayeyo. Arabazimanganya+ nk’uko Yehova yari yarabivuze biciye kuri Eliya+.
18 Maze Yehu akoranya abantu bose, ababwira ati: «Ahabu yasenze Bayali buhoro+. Mugabo jewe Yehu nzoyisenga cane. 19 Nimumpamagarire rero abahanuzi bose ba Bayali+, abayisenga bose n’abaherezi bayo bose+. Ntihagire n’umwe asiba, kuko nipfuza gushikanira Bayali ikimazi kidasanzwe. Uwuzosiba wese azoca yicwa.» Mugabo ayo yari amayeri. Yehu yashaka guhonya abasenga Bayali.
20 Yehu yongerako ati: «Hamagaza* ikoraniro ridasanzwe rya Bayali.» Nuko bahamagaza iryo koraniro. 21 Maze Yehu atuma intumwa muri Isirayeli yose, abasenga Bayali bose baraza. Nta n’umwe yasivye. Binjira mu rusengero* rwa Bayali+, ruruzura no ku munwa. 22 Abwira rero uwari ajejwe ububiko bw’impuzu ati: «Zanira impuzu abasenga Bayali bose.» Nuko arazibazanira. 23 Yehu na Yehonadabu+ mwene Rekabu baca binjira mu rusengero rwa Bayali. Abwira abasenga Bayali ati: «Nimusuzume neza, murabe ko ata wusenga Yehova n’umwe ari ng’aha, ko hari abasenga Bayali gusa.» 24 Hanyuma baja gutanga ibimazi n’amashikanwa aturirwa. Hanze Yehu yari yahashize abantu biwe 80, ababwira ati: «Aba bantu ndababahaye. Hakagira n’umwe abacika, ni mwe muca mwicwa mu kibanza ciwe*.»
25 Yehu akirangiza gutanga ishikanwa riturirwa, aca abwira abarinzi* n’ibisongerezi ati: «Nimwinjire mubice! Ntihagire n’umwe abacika+!» Abo barinzi n’ivyo bisongerezi batangura kubicisha inkota, babaterera hanze. Baguma binjira gushika no mu gice c’indani* c’urusengero rwa Bayali. 26 Maze basohora inkingi nyeranda*+ zo mu rusengero rwa Bayali, zose baraziturira+. 27 Basiturira hasi inkingi nyeranda y’ibuye+ ya Bayali. Basiturira hasi n’urusengero rwa Bayali+, bahahindura utuzu twa surwumwe. Ni ko bikiri gushika n’uyu musi.
28 Ukwo ni ko Yehu yazimanganije Bayali muri Isirayeli. 29 Mugabo Yehu ntiyirinze ibicumuro nk’ivyo Abisirayeli bakoze babitumwe na Yerobowamu mwene Nebati, kuko yagumijeho za nyana z’inzahabu zari i Beteli n’i Dani+. 30 Nuko Yehova abwira Yehu ati: «Ko wagize neza ugakora ivyo mbona ko bigororotse, ugakora ibintu vyose umutima wanje wipfuza gukorera umuryango wa Ahabu+, abagukomokako bazokurakuranwa ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli gushika ku ruvyaro rugira kane*+.» 31 Mugabo Yehu ntiyitwararitse gukurikiza amategeko ya Yehova Imana ya Isirayeli n’umutima wiwe wose+. Ntiyirinze ibicumuro vy’Abisirayeli, ivyo bakoze babitumwe na Yerobowamu+.
32 Ico gihe Yehova atangura kuza arareka uturere twa Isirayeli tugafatwa*. Hazayeli yaguma agaba ibitero mu karere kose ka Isirayeli+. 33 Yahereye kuri Yorodani yerekeza mu buseruko, afata akarere kose ka Gileyadi kabamwo abo mu muryango wa Gadi, uwa Rubeni n’uwa Manase+. Ako karere kava i Aroweri iruhande y’umubande* wa Arunoni, kagashika i Gileyadi n’i Bashani+.
34 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Yehu, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose n’ububasha bwose yerekanye, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami ba Isirayeli. 35 Maze Yehu arapfa, bamuhamba i Samariya, umuhungu wiwe Yehowahazi+ aca atangura kuganza mu kibanza ciwe. 36 Yehu yamaze imyaka 28 aganza Isirayeli i Samariya.
11 Nuko Ataliya+ nyina wa Ahaziya abonye ko umuhungu wiwe yapfuye+, aca ava hasi ahonya abo mu nda y’ingoma bose*+. 2 Ariko Yehosheba umukobwa w’umwami Yehoramu, akaba na mushiki wa Ahaziya, atora mu mpisho* Yehowasi+ mwene Ahaziya, amukura mu bahungu b’umwami bagira bicwe. Aja kumunyegeza we n’umurezi wiwe mu cumba kimwe. Baguma banyegeje uwo muhungu ku buryo Ataliya atashoboye kumubona ngo amwice. 3 Yehowasi agumana na we imyaka itandatu binyegeje mu nzu ya Yehova. Ataliya ni we yaganza igihugu.
4 Mu mwaka ugira indwi, Yehoyada atumako abakuru b’abasoda 100 ngo baze ku nzu ya Yehova. Abo bakuru bari abo mu ngabo zirinda umwami* no mu ngabo zirinda ikirimba*+. Bashitse ku nzu ya Yehova, agirana na bo isezerano yongera arabarahiza, hanyuma abereka umuhungu w’umwami+. 5 Maze abategeka ati: «Uku ni ko muzokora: ingabo zizoba zakoze kw’isabato zizoba ziri mu migwi itatu. Umugwi wa mbere uzocungera cane inzu* y’umwami+. 6 Umugwi ugira kabiri uzoba uri kw’irembo ry’umushinge, uwa gatatu na wo kw’irembo riri inyuma y’aho abarinzi bo ku kirimba bahagarara. Muzoza murakurakuranwa mu kurinda iyo nzu*. 7 Abari mu migwi yanyu ibiri itazoba yakoze kw’isabato baze bacungere neza inzu ya Yehova kugira bakingire umwami. 8 Muze mukikuze umwami impande zose, umwe wese afise ibirwanisho vyiwe mu kuboko. Uwuzogerageza kubinjiramwo wese azoce yicwa. Muze mugumane n’umwami aho azoba agiye hose*.»
9 Ba bakuru b’abasoda 100+ bakora nk’uko nyene umuherezi Yehoyada abategetse. Nuko umwe wese muri bo aja ku muherezi Yehoyada+ ari kumwe n’abo atwara, ni ukuvuga abakoze kw’isabato n’abatakoze. 10 Uwo muherezi aca aha abo bakuru b’abasoda 100 amacumu n’inkinzo z’umuzingi vyahora ari ivy’umwami Dawidi, bikaba vyari bibitse mu nzu ya Yehova. 11 Maze abo mu ngabo zirinda ikirimba+ bahagarara mu bibanza vyabo irya n’ino y’umwami, umwe wese afise ibirwanisho vyiwe mu maboko. Bari bahagaze kuva ku ruhande rw’iburyo rw’inzu y’Imana gushika ku rw’ibubamfu, iruhande y’igicaniro+ n’iruhande y’iyo nzu. 12 Yehoyada aca asohokana umuhungu w’umwami+, amwambika urugori ku mutwe, ashirako n’umuzingo urimwo amabwirizwa y’Imana*+. Nuko baramwimika aba umwami, bamurobanuza amavuta*. Baca bakoma amashi bavuga bati: «Umwami nahangame+!»
13 Ataliya yumvise urwamo rw’abantu bariko biruka, aca aja iyo bari ku nzu ya Yehova+. 14 Ahashitse abona umwami ahagaze iruhande y’inkingi, nk’uko vyari bisanzwe bigirwa+. Abakuru n’abavuza inzumbete+ bari iruhande y’umwami. Abanyagihugu bose na bo bariko bavuza inzumbete banezerewe. Ataliya aca yitaburirako impuzu, maze asemerera ati: «Ubwo ni ubugarariji! Ni ubugarariji!» 15 Ba bakuru batwara abasoda 100+ bari bahawe kuraba ingabo zari ng’aho. Nuko umuherezi Yehoyada abategeka ati: «Nimumusohore mumukure aho ingabo zitonze. Uwumushigikira* wese muce mumwicisha inkota!» Ivyo yabivuze kubera yari yababwiye ngo ntibamwicire mu nzu ya Yehova. 16 Baca baramufata baramujana. Bashitse ku kirimba*+ aho amafarasi yinjirira, bamwiciraho.
17 Maze biciye kuri Yehoyada, hagirwa isezerano hagati ya Yehova, umwami n’abantu+. Basezerana ko bazoguma ari abantu ba Yehova. Hagirwa n’irindi sezerano biciye kuri we hagati y’umwami n’abantu+. 18 Abanyagihugu bose baca baja ku rusengero* rwa Bayali basiturira hasi ibicaniro vyayo+, bamenagura n’ibishusho vyayo babigira ubunywenywe+. Matani umuherezi wa Bayali na we bamwicira+ imbere y’ivyo bicaniro.
Umuherezi Yehoyada araheza agena abahagarikizi bo ku nzu ya Yehova+. 19 Maze akoranya abakuru batwara abasoda 100+, ingabo zirinda umwami*, ingabo zirinda ikirimba+ n’abanyagihugu bose, ngo baherekeze umwami bamukuye ku nzu ya Yehova. Bamushikana ku kirimba baciye mw’irembo ry’ingabo zirinda ikirimba. Araheza yicara ku ntebe abami bicarako+. 20 Abanyagihugu bose baranezerwa, igisagara na co kigira amahoro kuko Ataliya yari yapfuye. Bamwicishije inkota hafi y’ikirimba.
21 Yehowasi+ yari afise imyaka indwi igihe yatangura kuganza+.
12 Yehowasi+ yabaye umwami mu mwaka ugira indwi Yehu+ aganza, maze amara imyaka 40 aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Zibiya, akaba yava i Beri-Sheba+. 2 Yehowasi yagumye akora ivyo Yehova abona ko bigororotse igihe cose umuherezi Yehoyada yamaze amwigisha. 3 Mugabo ibibanza vyo gusengeramwo*+ ntivyakuweho. Abantu bari bakihashikanira ibimazi, bigafumba umwotsi.
4 Nuko Yehowasi abwira abaherezi ati: «Muzoze murakira amahera yose y’intererano* nyeranda+ azanwa ku nzu ya Yehova, ni ukuvuga amahera umuntu wese ategerezwa gutanga+, amahera atangwa n’abagize indagano* n’amahera yose umuntu wese azana ku nzu ya Yehova avyigombeye*+. 5 Abaherezi ni bo ubwabo bazoyakira bayahawe na bene kuyatanga*. Baze bayakoreshe mu gusanasana aho iyo nzu yononekaye hose*+.»
6 Mu mwaka ugira 23 umwami Yehowasi aganza, abaherezi ntibari bwasanasane iyo nzu+. 7 Umwami Yehowasi aca ahamagara umuherezi Yehoyada+ n’abandi baherezi, ababwira ati: «Kubera iki mutariko murasanasana iyo nzu? Ubu rero, ntimuzosubire kwakira amahera abantu batanga nimba mutayakoresha mu gusanasana iyo nzu+.» 8 Nuko abo baherezi bemera yuko batazosubira kwakira amahera abantu batanga be n’uko atari bo bazoba bahagarikiye igikorwa co gusanasana iyo nzu.
9 Maze umuherezi Yehoyada atora isandugu+ ayitobora ku mupfundikizo, araheza ayishira iruhande y’igicaniro amaja iburyo winjiye mu nzu ya Yehova. Abaherezi barinda imiryango ni ho bashira amahera yose abantu bazana ku nzu ya Yehova+. 10 Igihe cose abo baherezi basanze amahera yagwiriye muri iyo sandugu, umunyamabanga w’umwami n’umuherezi mukuru baca baza kwegeranya* amahera yose abantu bazanye ku nzu ya Yehova, bakayaharura+. 11 Bamaze guharura ayo mahera, baca bayaha abatowe ngo bahagarikire ibikorwa vyariko bikorerwa ku nzu ya Yehova. Abo bahagarikiye ibikorwa baca bayahemba ababaji n’abubatsi bariko barakorera ku nzu ya Yehova+, 12 hamwe n’abafundi* be n’abaringaniza amabuye. Ayo mahera barayakoresha no mu kugura ibiti n’amabuye abajwe vyo gusanasana aho inzu ya Yehova yononekaye, no mu kuriha ibindi vyose vyari bikenewe muri ico gikorwa.
13 Ariko ayo mahera yazanwa ku nzu ya Yehova, ntibigeze bayikorako ngo bakoreshe amabesani y’ifeza, udukasi*, amabakure, inzumbete+ canke ikindi gikoresho na kimwe co mu nzu ya Yehova gikozwe mu nzahabu canke mw’ifeza+. 14 Bayaha gusa abakora ico gikorwa co gusanasana inzu ya Yehova, na bo bakayakoresha. 15 Abahabwa ayo mahera ngo bayahe abakozi, nta wasuzuma ingene bayakoresheje kubera ko bari abizigirwa+. 16 Amahera y’amashikanwa yo kwagirwa n’icaha+ n’ay’amashikanwa y’igicumuro ntiyajanwa mu nzu ya Yehova. Yegukira abaherezi+.
17 Ico gihe ni ho Hazayeli+ umwami wa Siriya yaja gutera igisagara ca Gati+, aragifata. Hanyuma aca afata ingingo yo gutera Yeruzalemu*+. 18 Yehowasi umwami w’Ubuyuda aca atora ibintu* vyeranda vyose ba sekuruza biwe bari bareguriye Imana*, abirungikira Hazayeli umwami wa Siriya. Abo ba sekuruza ni Yehoshafati, Yehoramu na Ahaziya, bahoze ari abami b’Ubuyuda. Atora n’ibintu vyeranda yari yaratanze be n’inzahabu zose zari mu bubiko bw’itunga ry’inzu ya Yehova n’ubw’inzu* y’umwami arabimurungikira+, abona kuva i Yeruzalemu.
19 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Yehowasi, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami b’Ubuyuda. 20 Ariko abantu ba Yehowasi bategura umugambi wo kumugirira nabi+, maze bamwicira ku nzu yo ku gasozi Milo*+, ku nzira imanuka i Sila. 21 Abantu biwe bamwishe ni Yozakari mwene Shimeyati na Yehozabadi mwene Shomeri+. Yaciye ahambwa hamwe na ba sekuruza mu gisagara ca Dawidi, maze umuhungu wiwe Amaziya atangura kuganza mu kibanza ciwe+.
13 Mu mwaka ugira 23 Yehowasi+ mwene Ahaziya+ umwami w’Ubuyuda aganza, ni ho Yehowahazi mwene Yehu+ yaba umwami wa Isirayeli i Samariya. Yaganje imyaka 17. 2 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi, abandanya gukora na ca gicumuro Abisirayeli bakoze babitumwe na Yerobowamu mwene Nebati+. Ntiyagihevye. 3 Yehova aca ashavurira cane Abisirayeli+, maze atuma bamara imyaka myinshi batsindwa na Hazayeli+ umwami wa Siriya n’umuhungu wiwe Beni-Hadadi+.
4 Yehowahazi arateba atakambira Yehova, maze Yehova aramwumviriza kuko yabonye ingene umwami wa Siriya yacinyiza Abisirayeli+. 5 Nuko Yehova aha Abisirayeli uwubakiza+ agacinyizo k’Abasiriya, baraheza basubira kuba mu nzu zabo nka kera*. 6 (Ariko ntibahevye igicumuro c’abo mu muryango wa Yerobowamu, ico Yerobowamu yatumye Abisirayeli bakora+. Bagumye bagikora*, kandi na ya nkingi nyeranda y’igiti*+ yagumye ihagaze i Samariya.) 7 Yehowahazi yari asigaranye gusa ingabo zigizwe n’abasoda 50 barwanira ku mafarasi, imikogote 10 n’abasoda 10.000 barwanira hasi. Abandi bose umwami wa Siriya yari yarabahoneje+, abahonyanga nk’umukungugu bahonyanga igihe bakubita intete+.
8 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Yehowahazi, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose n’ububasha yerekanye, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami ba Isirayeli. 9 Maze Yehowahazi arapfa, bamuhamba i Samariya+. Umuhungu wiwe Yehowasi aca atangura kuganza mu kibanza ciwe.
10 Yehowasi+ mwene Yehowahazi yabaye umwami wa Isirayeli i Samariya mu mwaka ugira 37 umwami Yehowasi w’Ubuyuda aganza. Yamaze imyaka 16 aganza. 11 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi, ntiyaheba vya bicumuro Abisirayeli bakoze babitumwe na Yerobowamu mwene Nebati+. Yagumye abikora*.
12 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Yehowasi, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose, ububasha yerekanye n’intambara yarwanye na Amaziya umwami w’Ubuyuda+, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami ba Isirayeli. 13 Maze Yehowasi arapfa, Yerobowamu*+ aca atangura kuganza mu kibanza ciwe. Nayo Yehowasi bamuhamba i Samariya hamwe n’abami ba Isirayeli+.
14 Igihe Elisha+ yarwara indwara yahavuye imuhitana, Yehowasi umwami wa Isirayeli yaraje kumuraba, atangura kumuririra avuga ati: «Dawe, dawe, umukogote wa Isirayeli n’abagendera ku mafarasi ba Isirayeli*+!» 15 Elisha aca amubwira ati: «Zana umuheto n’imyampi.» Nuko arabizana. 16 Elisha yongera kubwira umwami wa Isirayeli ati: «Tora uwo muheto.» Nuko arawutora. Maze Elisha ashira amaboko yiwe ku maboko y’umwami. 17 Aca abwira umwami wa Isirayeli ati: «Ugurura idirisha riherereye mu buseruko.» Araryugurura. Maze Elisha amubwira ati: «Fora urase!» Nuko ararasa. Elisha aca avuga ati: «Uwo ni umwampi wa Yehova w’intsinzi*, umwampi wo gutsinda* Siriya! Uzotsindira Abasiriya i Afeki+, ubahonye.»
18 Yongerako ati: «Tora imyampi.» Arayitora. Elisha aca abwira umwami wa Isirayeli ati: «Kubita hasi.» Nuko akubita hasi incuro zitatu, aca arahagarika. 19 Uwo muntu w’Imana aca aramushavurira, amubwira ati: «Wari gukubita hasi incuro zitanu canke zitandatu! Ni ho wotsinze Abasiriya ukabahonya, none ehe raba, uzobatsinda gatatu gusa+.»
20 Inyuma y’ivyo, Elisha arapfa hanyuma baramuhamba. Mu ntango z’umwaka*, hari utugwi tw’abambuzi tw’Abanyamowabu+ twama dutera muri Isirayeli. 21 Umusi umwe abantu bariko barahamba umuntu, baja babona akagwi k’abambuzi. Ubwo nyene baca baterera ikiziga c’uwo muntu mu mva ya Elisha, bariruka. Ico kiziga gikoze ku magufa ya Elisha, uwo muntu aca asubira kuba muzima+, arahagarara.
22 Hazayeli+ umwami wa Siriya yagumye acinyiza Abisirayeli+ mu kiringo cose Yehowahazi yamaze aganza. 23 Ariko Yehova abagirira ubuntu n’imbabazi+, asubira kubitwararika kubera isezerano yagiranye na Aburahamu+, Izahaki+ na Yakobo+. Ntiyashatse kubahonya, kandi gushika n’ubu ntiyabigije kure yiwe ngo abahebe. 24 Hazayeli umwami wa Siriya amaze gupfa, umuhungu wiwe Beni-Hadadi yaciye atangura kuganza mu kibanza ciwe. 25 Nuko Yehowasi mwene Yehowahazi yaka Beni-Hadadi ibisagara se Hazayeli yari yaratwaye Yehowahazi igihe barwana. Yehowasi yatsinze Beni-Hadadi incuro zitatu+, maze agaruza ivyo bisagara vya Isirayeli.
14 Amaziya mwene Yehowasi+ umwami w’Ubuyuda yatanguye kuganza mu mwaka ugira kabiri Yehowasi mwene Yehowahazi umwami wa Isirayeli aganza. 2 Amaziya yari afise imyaka 25 igihe yatangura kuganza maze amara imyaka 29 aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Yehowadini, akaba yava i Yeruzalemu+. 3 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko bigororotse, ariko ntiyashikiriye sekuruza Dawidi+. Yakoze nk’ivyo se Yehowasi yakoze vyose+. 4 Mugabo ibibanza vyo gusengeramwo* ntivyakuweho+. Abantu bari bakihashikanira ibimazi, bigafumba umwotsi+. 5 Ubutegetsi bwiwe bukimara gutsimbatara, yica abari barishe se igihe yari akiri umwami+. 6 Mugabo ntiyishe abana b’abo bicanyi. Yisunze ivyo Yehova yategetse vyanditswe mu gitabu c’amategeko ya Musa, ahavuga hati: «Ba sebibondo ntibaze bicwe bazira abana babo, n’abana ntibaze bicwe bazira ba se. Umwe wese aze yicwe azize igicumuro ciwe bwite+.» 7 Amaziya yararwanye n’Abanyedomu+ yicamwo 10.000 mu mubande w’Umunyu+, afata n’igisagara citwa Sela+. Cahavuye citwa Yokiteli gushika n’uyu musi.
8 Maze Amaziya arungikira intumwa Yehowasi ngo zimubwire ziti: «Ingo dutane mu mitwe*+.» Yehowasi yari mwene Yehowahazi, Yehowahazi mwene Yehu umwami wa Isirayeli. 9 Yehowasi umwami wa Isirayeli aca atuma kwishura Amaziya umwami w’Ubuyuda ati: «Icatsi c’amahwa c’i Libani carungikiye isederi ry’i Libani ubutumwa bugira buti: “Mpa umukobwa wawe abe umugore w’umuhungu wanje.” Ariko igikoko co mw’ishamba ry’i Libani kirarengana, gikandagira ico catsi c’amahwa. 10 Ni vyo waratsinze Abanyedomu+, uca ugira ubwibone mu mutima. Nezererwa icubahiro waronse mugabo ugume iwawe*. Kubera iki wokwirirwa urikwegera ivyago, ugatembana n’Ubuyuda?» 11 Mugabo Amaziya yanka kwumva+.
Nuko Yehowasi umwami wa Isirayeli aja gutana mu mitwe na Amaziya umwami w’Ubuyuda, barwanira i Beti-Shemeshi mu Buyuda+. 12 Ingabo z’Ubuyuda zitsindwa n’iz’Abisirayeli, umwe wese ahungira iwe*. 13 Yehowasi umwami wa Isirayeli afatira Amaziya umwami w’Ubuyuda i Beti-Shemeshi. Amaziya yari mwene Yehowasi, Yehowasi mwene Ahaziya. Aza amuzanye i Yeruzalemu maze asenyura uruzitiro rwa Yeruzalemu ahareha n’intambwe 400*, kuva kw’irembo rya Efurayimu+ gushika kw’irembo ryo mu mfuruka+. 14 Araheza atwara inzahabu zose, ifeza zose n’ibindi bintu vyose vyo mu nzu ya Yehova. Atwara n’ivyari mu bubiko bw’itunga ry’inzu* y’umwami n’abo yagize imbohe, maze asubira i Samariya.
15 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Yehowasi, ni ukuvuga ivyo yakoze, ububasha yerekanye n’ukuntu yarwanye na Amaziya umwami w’Ubuyuda, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami ba Isirayeli. 16 Nuko Yehowasi arapfa, bamuhamba i Samariya+ hamwe n’abami ba Isirayeli. Maze umuhungu wiwe Yerobowamu*+ atangura kuganza mu kibanza ciwe.
17 Amaziya+ mwene Yehowasi umwami w’Ubuyuda, abaho iyindi myaka 15 inyuma y’urupfu rwa Yehowasi+ mwene Yehowahazi umwami wa Isirayeli+. 18 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Amaziya, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami b’Ubuyuda. 19 Mu nyuma abantu bamwe b’i Yeruzalemu bategura umugambi wo kumugirira nabi+, aca ahungira i Lakishi. Mugabo barungika abaja kumuhiga i Lakishi, bamwicirayo. 20 Nuko agarukanwa i Yeruzalemu ku mafarasi maze ahambwa hamwe na ba sekuruza mu gisagara ca Dawidi+. 21 Abantu bose bo mu Buyuda baca bafata Azariya*+ bamugira umwami mu kibanza ca se Amaziya+. Ico gihe yari afise imyaka 16+. 22 Ni we yagaruje igisagara ca Elati+ gisubira kwegukira Ubuyuda, yongera asubira kucubaka. Ivyo vyabaye inyuma y’aho umwami* apfiriye+.
23 Yerobowamu+ mwene Yehowasi umwami wa Isirayeli yabaye umwami i Samariya mu mwaka ugira 15 Amaziya mwene Yehowasi umwami w’Ubuyuda aganza. Yamaze imyaka 41 aganza. 24 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi, aguma akora n’ibicumuro vyose Abisirayeli bakoze babitumwe na Yerobowamu mwene Nebati+. 25 Ni we yasubijeho urubibe rwa Isirayeli, kuva i Lebo-Hamati*+ gushika ku kiyaga co muri Araba*+. Vyabaye nk’uko Yehova Imana ya Isirayeli yari yarabivuze biciye ku musavyi wiwe Yona+ mwene Amitayi, umuhanuzi yava i Gati-Heferi+. 26 Yehova yabigize kubera yari yabonye amarushwa menshi Abisirayeli barimwo+. Nta wo kubakiza yariho, habe na nyarucari canke uwutagira gitabara. 27 Yehova yari yarasezeranye ko atazozimanganya izina rya Isirayeli kw’isi+. Ni co catumye abakiza biciye kuri Yerobowamu mwene Yehowasi+.
28 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Yerobowamu, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose, ububasha yerekanye, intambara yarwanye n’ingene yagaruje igisagara ca Damasiko+ n’ica Hamati+ bigasubira kuganzwa n’Ubuyuda na Isirayeli*, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami ba Isirayeli. 29 Nuko Yerobowamu arapfa, bamuhamba hamwe n’abami ba Isirayeli. Maze Zakariya+ umuhungu wiwe atangura kuganza mu kibanza ciwe.
15 Azariya*+ mwene Amaziya+ umwami w’Ubuyuda yabaye umwami mu mwaka ugira 27 Yerobowamu* umwami wa Isirayeli aganza+. 2 Yari afise imyaka 16 igihe yatangura kuganza, amara imyaka 52 aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Yekoliya, akaba yava i Yeruzalemu. 3 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko bigororotse cokimwe na se Amaziya+. 4 Mugabo ibibanza vyo gusengeramwo* ntivyakuweho+. Abantu bari bakihashikanira ibimazi bigafumba umwotsi+. 5 Uwo mwami, Yehova yamuteje indwara y’imibembe+, aguma ayirwaye gushika apfuye. Yagumye aba mu nzu ya wenyene+. Umuhungu wiwe Yotamu+ ni we yaraba ivyo ku kirimba*, agatunganiriza abanyagihugu+. 6 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Azariya+, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami b’Ubuyuda. 7 Maze Azariya arapfa+ bamuhamba hamwe na ba sekuruza mu gisagara ca Dawidi. Umuhungu wiwe Yotamu aca atangura kuganza mu kibanza ciwe.
8 Mu mwaka ugira 38 Azariya+ umwami w’Ubuyuda aganza, ni ho Zakariya+ mwene Yerobowamu yaba umwami wa Isirayeli i Samariya. Yamaze amezi atandatu aganza. 9 Yakoze ivyo Yehova abona ko ari bibi, cokimwe na ba sekuruza. Ntiyahevye ibicumuro Abisirayeli bakoze babitumwe na Yerobowamu mwene Nebati+. 10 Maze Shalumu mwene Yabeshi ategura umugambi wo kumugirira nabi. Amwicira mu gisagara ca Ibuleyamu+, araheza aba umwami mu kibanza ciwe. 11 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Zakariya, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami ba Isirayeli. 12 Ivyo Yehova yabwiye Yehu vyari birangutse. Yari yamubwiye ati: «Abagukomokako bazokurakuranwa ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli gushika ku ruvyaro rugira kane*+.» Ukwo nyene ni ko vyagenze.
13 Shalumu mwene Yabeshi yabaye umwami mu mwaka ugira 39 Uziya+ umwami w’Ubuyuda aganza, aca amara ukwezi kumwe aganza i Samariya. 14 Maze Menahemu mwene Gadi ava i Tiruza+ aduga i Samariya, ahicira Shalumu+ mwene Yabeshi. Aca atangura kuganza mu kibanza ciwe. 15 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Shalumu n’umugambi mubi yateguye, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami ba Isirayeli. 16 Igihe Menahemu yava i Tiruza, yaciye aja i Tifusa arahatikiza. Yica abahaba bose n’ababa mu karere kahakikuje. Yabikoze kubera ko abaho banse kumwugururira amarembo y’igisagara. Yarahatikije, apasura inda z’abagore* bibungenze babayo.
17 Menahemu mwene Gadi yabaye umwami wa Isirayeli mu mwaka ugira 39 Azariya umwami w’Ubuyuda aganza. Yaganje imyaka cumi i Samariya. 18 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi. Mu kiringo cose yamaze, yagumye akora ibicumuro vyose Abisirayeli bakoze babitumwe na Yerobowamu mwene Nebati+. 19 Umusi umwe, Puli+ umwami wa Ashuri aza gutera Isirayeli. Menahemu aca amuha italanto* 1.000 z’ifeza, kugira ngo Puli amufashe gukomeza ubutegetsi bwiwe+. 20 Kugira Menahemu aronke izo feza yahaye umwami wa Ashuri, yategetse umugabo wese ahambaye kandi w’umutunzi muri Isirayeli gutanga shekeli* 50 z’ifeza+. Umwami wa Ashuri yaciye agenda, areka gutera Isirayeli. 21 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Menahemu+, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami ba Isirayeli. 22 Maze Menahemu arapfa, umuhungu wiwe Pekahiya aca atangura kuganza mu kibanza ciwe.
23 Pekahiya mwene Menahemu yabaye umwami wa Isirayeli i Samariya mu mwaka ugira 50 Azariya umwami w’Ubuyuda aganza. Yamaze imyaka ibiri aganza. 24 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi. Ntiyahevye ibicumuro Abisirayeli bakoze babitumwe na Yerobowamu mwene Nebati+. 25 Peka+ mwene Remaliya, yari igisongerezi ciwe. Nuko Peka ategura umugambi wo kugirira nabi Pekahiya maze amwicira i Samariya mu munara ukomeye wo ku kirimba hamwe na Arugobu na Ariye. Peka yari kumwe n’abagabo 50 b’i Gileyadi. Amaze kumwica aca atangura kuganza mu kibanza ciwe. 26 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Pekahiya, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami ba Isirayeli.
27 Peka+ mwene Remaliya yabaye umwami wa Isirayeli i Samariya mu mwaka ugira 52 Azariya umwami w’Ubuyuda aganza. Yaganje imyaka 20. 28 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi. Ntiyahevye ibicumuro Abisirayeli bakoze babitumwe na Yerobowamu mwene Nebati+. 29 Ku ntwaro ya Peka umwami wa Isirayeli, Tigulati-Pileseri+ umwami wa Ashuri aratera, afata igisagara ca Iyoni, ica Abeli-Beti-Mayaka+, ica Yanowa, ica Kedeshi+, ica Hazori n’akarere ka Gileyadi+. Afata n’intara ya Galilaya, ni ukuvuga akarere kose ka Nafutali+. Maze ababa aho hantu hose yafashe abajana mu bunyagano i Ashuri+. 30 Mu nyuma Hosheya+ mwene Ela ategura umugambi wo kugirira nabi Peka mwene Remaliya, araheza aramwica. Nuko atangura kuganza mu kibanza ciwe mu mwaka ugira 20 Yotamu+ mwene Uziya ari umwami. 31 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Peka, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami ba Isirayeli.
32 Yotamu+ mwene Uziya+ umwami w’Ubuyuda yabaye umwami mu mwaka ugira kabiri Peka mwene Remaliya umwami wa Isirayeli aganza. 33 Yari afise imyaka 25 igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka 16 aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Yerusha, akaba yari umukobwa wa Sadoki+. 34 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko bigororotse cokimwe na se Uziya+. 35 Mugabo ibibanza vyo gusengeramwo ntivyakuweho. Abantu bari bakihashikanira ibimazi bigafumba umwotsi+. Yotamu ni we yubatse irembo ryo haruguru ry’inzu ya Yehova+. 36 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Yotamu, ni ukuvuga ivyo yakoze, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami b’Ubuyuda. 37 Muri ico gihe Yehova atangura kurungika Rezini umwami wa Siriya na Peka+ mwene Remaliya ngo batere Ubuyuda+. 38 Nuko Yotamu arapfa maze ahambwa hamwe na ba sekuruza mu gisagara ca Dawidi sekuruza. Umuhungu wiwe Ahazi aca atangura kuganza mu kibanza ciwe.
16 Ahazi+ mwene Yotamu umwami w’Ubuyuda yabaye umwami mu mwaka ugira 17 Peka mwene Remaliya aganza. 2 Ahazi yari afise imyaka 20 igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka 16 aganza i Yeruzalemu. Ntiyakoze ivyo Yehova Imana yiwe abona ko bigororotse, nka sekuruza Dawidi+. 3 Yagumye nyabuna akurikiza akarorero kabi k’abami ba Isirayeli+, aturira n’umuhungu wiwe, amutangako ikimazi*+. Yiganye imigenzo ishisha y’amahanga+ Yehova yari yaromoye akabisa Abisirayeli. 4 Yagumye kandi aja mu bibanza vyo gusengeramwo*, ku mirambi no munsi y’ibiti bitotahaye vyose, akahatangira ibimazi bigafumba umwotsi+.
5 Ico gihe ni ho Rezini umwami wa Siriya na Peka mwene Remaliya umwami wa Isirayeli baduga gutera Ahazi i Yeruzalemu+. Barahugarije mugabo ntibashoboye kuhafata. 6 Rezini umwami wa Siriya araheza asubiza Abanyedomu igisagara ca Elati+, hanyuma yomora Abayuda babayo. Maze Abanyedomu bagaruka kuba i Elati, kandi baracabayo gushika n’uyu musi. 7 Ahazi aca arungika abaja kubwira Tigulati-Pileseri+ umwami wa Ashuri bati: «Ndi umusuku wawe, nkaba n’umuhungu wawe*. Ingo unkize umwami wa Siriya n’uwa Isirayeli baje kuntera.» 8 Ahazi aca atora ifeza n’inzahabu vyari mu nzu ya Yehova no mu bubiko bw’itunga ry’inzu* y’umwami, araheza abirungikira umwami wa Ashuri nk’igiturire+. 9 Nuko umwami wa Ashuri yemera ivyo amusavye, maze aja i Damasiko arahafata. Abantu baho abajana mu bunyagano i Kiri+, Rezini na we aramwica+.
10 Mu nyuma umwami Ahazi aja i Damasiko kubonana na Tigulati-Pileseri umwami wa Ashuri. Umwami Ahazi abonye igicaniro cari i Damasiko, aca arungikira umuherezi Uriya umugero werekana ukuntu kimeze n’ukuntu gikozwe+. 11 Nuko umuherezi Uriya+ yubaka ico gicaniro+, akurikije amakuru yose umwami Ahazi yamurungikiye ari i Damasiko. Yarangije kucubaka imbere y’uko umwami Ahazi agaruka avuye i Damasiko. 12 Umwami agarutse avuye i Damasiko akabona nya gicaniro, aca aregera agitangirako amashikanwa+. 13 Agitangirako n’amashikanwa aturirwa n’amashikanwa y’intete, afumba umwotsi. Agisukako n’amashikanwa y’ibinyobwa, akimijagirako n’amaraso y’ibimazi vyiwe vyo gusangira. 14 Ahazi araheza yimura ca gicaniro c’umujumpu+ cari imbere ya Yehova, ni ukuvuga imbere y’urusengero*, agishira mu buraruko bw’igicaniro ciwe. Yacimuye agikuye hagati y’igicaniro ciwe n’inzu ya Yehova. 15 Umwami Ahazi aca ategeka umuherezi Uriya+ ati: «Ishikanwa riturirwa ryo mu gitondo, ishikanwa ry’intete ryo ku mugoroba+, ishikanwa riturirwa ry’umwami n’ishikanwa ryiwe ry’intete, uzobitangire ku gicaniro kinini bifumbe umwotsi+. Amashikanwa atangwa n’abandi bantu bose, yaba amashikanwa aturirwa, ay’intete canke ay’ibinyobwa, na yo nyene uze uyatangire kuri nya gicaniro. Kandi uze ukimijagireko amaraso yose y’amashikanwa aturirwa n’amaraso yose y’ibindi bimazi. Nayo ico gicaniro c’umujumpu ngiye kwiyumvira ico twogikoza.» 16 Nuko umuherezi Uriya akora ivyo umwami Ahazi yamutegetse vyose+.
17 Vyongeye, umwami Ahazi ajanjagura impande zibase z’amashareti+, aca akurako amabesani yari kuri ayo mashareti+. Ca gitangi citwa Ikiyaga agikura ku mpfizi z’umujumpu+ cari giteretseko, agishira ahantu hashashe amabuye+. 18 Akuraho n’ubwugamo bwo ku rusengero bwari bwubakiwe isabato, yugara n’inzira umwami yacamwo agiye ku nzu ya Yehova. Ivyo yabikoze kubera umwami wa Ashuri.
19 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Ahazi, ni ukuvuga ivyo yakoze, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami b’Ubuyuda+. 20 Nuko Ahazi arapfa, bamuhamba hamwe na ba sekuruza mu gisagara ca Dawidi. Umuhungu wiwe Hezekiya*+ atangura kuganza mu kibanza ciwe.
17 Mu mwaka ugira 12 Ahazi umwami w’Ubuyuda aganza, ni ho Hosheya+ mwene Ela yaba umwami wa Isirayeli i Samariya. Yamaze imyaka icenda aganza. 2 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi, ariko ntiyashikiriye abami ba Isirayeli baganje imbere yiwe. 3 Igihe kimwe, Shalumaneseri umwami wa Ashuri yaraje kumutera+, maze Hosheya yemera kuganzwa na we, atangura no kumuha ikori*+. 4 Ariko umwami wa Ashuri amenya ko Hosheya yariko ategura umugambi mubi. Nkako, hari intumwa Hosheya yari yarungitse gutabaza ku mwami wa Misiri yitwa So+, kandi ntiyari akirungikira ikori umwami wa Ashuri nko mu myaka y’imbere y’aho. Umwami wa Ashuri ni kwo guca amuta mw’ibohero, amugumizayo aboshe.
5 Nuko umwami wa Ashuri atera igihugu cose, amara imyaka itatu yugarije Samariya. 6 Mu mwaka ugira icenda Hosheya aganza, ni ho umwami wa Ashuri yafata Samariya+. Yaciye atwara Abisirayeli mu bunyagano+ i Ashuri, abajana kuba i Hala n’i Habori hafi y’uruzi Gozani+ no mu bisagara vy’Abamedi+.
7 Ivyo vyabaye kubera yuko Abisirayeli bari bacumuye ku Mana yabo Yehova yabakuye mu gihugu ca Misiri, ikabakiza Farawo umwami wa Misiri+. Baratanguye gusenga* izindi mana+, 8 bakurikiza imigenzo y’amahanga Yehova yari yaromoye akabisa Abisirayeli be n’imigenzo yatangujwe n’abami ba Isirayeli.
9 Abisirayeli bagumye bakora ivyo Imana yabo Yehova ibona ko ari bibi. Bagumye bubaka ibibanza vyo gusengeramwo ibigirwamana* mu bisagara vyabo vyose+, kuva ku minara y’inderetsi gushika ku bisagara bikingijwe ibihome*. 10 Bagumye bishingira inkingi nyeranda z’amabuye* n’iz’ibiti+ ku mirambi miremire yose no munsi y’ibiti vyose bitotahaye+. 11 Mu bibanza vyabo vyose vyo gusengeramwo bagumye bahatangira ibimazi bigafumba umwotsi. Biganye amahanga Yehova yari yaromoye akababisa+. Bagumye bakora ibintu vy’ububisha kugira ngo bababaze Yehova.
12 Bagumye basenga* ibigirwamana bisesemye*+ kandi Yehova yari yarabihanije ngo ntibabisenge+. 13 Yehova yagumye aburira Isirayeli n’Ubuyuda biciye ku bahanuzi biwe bose no ku basavyi biwe bose bamenyesha ivyo beretswe+. Yababwira ati: «Nimureke gukora ibintu vy’ububisha+. Nimugamburuke amabwirizwa yanje n’ivyagezwe vyanje, mukurikize amategeko yose nahaye ba sogokuruza, na mwebwe nkayabaha biciye ku basavyi banje b’abahanuzi.» 14 Mugabo ntibumvirije. Bagumye ari intagondwa nka ba sekuruza* batizeye Yehova Imana yabo+. 15 Bagumye banka gukurikiza amategeko yiwe n’isezerano+ yagiranye na ba sekuruza be n’ivyibutswa yari yarabahaye kugira ababurire+. Bagumye basenga ibigirwamana vy’imburakimazi+, na bo nyene basigara ari imburakimazi+. Biganye amahanga yari abakikuje kandi Yehova yari yarabategetse ngo ntibayigane+.
16 Bagumye barenga ku mabwirizwa yose Yehova Imana yabo yabahaye, bakora ibishusho bibiri vy’inyana bikozwe mu cuma*+, n’inkingi nyeranda y’igiti*+, bunamira ingabo zose zo kw’ijuru*+ bongera basenga Bayali+. 17 Baranaturiye abahungu babo n’abakobwa babo babatangako ibimazi*+, bararagura+ bongera barapfumura*. Bagumye bakora* ivyo Yehova abona ko ari bibi kugira ngo bamubabaze.
18 Yehova yaciye ashavurira cane Abisirayeli, bituma abomora bamuva imbere+. Abo mu muryango wa Yuda ni bo gusa basigaye.
19 N’abo mu muryango wa Yuda ntibagamburutse amabwirizwa ya Yehova Imana yabo+, kandi bakurikije imigenzo y’Abisirayeli+. 20 Nuko Yehova aheba abakomoka kuri Isirayeli bose, arabacisha bugufi, areka abasahuzi barabasahura gushika abomoye bakamuva imbere. 21 Yashikuye Isirayeli ku muryango wa Dawidi, maze Abisirayeli bimika Yerobowamu mwene Nebati aba umwami wabo+. Mugabo Yerobowamu yatumye Abisirayeli bareka gukorera Yehova, abakoresha igicumuro gikomeye. 22 Nuko Abisirayeli baguma bakora ibicumuro vya Yerobowamu vyose+. Bagumye babikora 23 gushika Yehova abomoye bakamuva imbere nk’uko yari yarabivuze biciye ku basavyi biwe bose b’abahanuzi+. Abisirayeli bakurwa rero mu gihugu cabo, bajanwa mu bunyagano i Ashuri+, kandi ni yo bakiri gushika n’uyu musi.
24 Umwami wa Ashuri araheza azana abantu akuye i Babiloni, i Kuta, i Ava, i Hamati n’i Sefaruvayimu+, abashira mu bisagara vy’i Samariya ngo babibemwo mu gishingo c’Abisirayeli. Maze abo bantu bigarurira Samariya bibera mu bisagara vyaho. 25 Igihe batangura kubayo, ntibatinya* Yehova. Yehova yaciye abarungikamwo intambwe+ maze zica bamwe muri bo. 26 Nuko bamenyesha umwami wa Ashuri bati: «Abantu bo mu mahanga atandukanye wazanye ari inyagano ngo babe mu bisagara vy’i Samariya ntibazi ingene basenga Imana yaho*. Ni co gituma iguma ibarungikamwo intambwe zikabica, kubera ko ata n’umwe muri bo azi ingene basenga Imana yaho.»
27 Umwami wa Ashuri aca ategeka ati: «Nimufate umwe mu baherezi baho mwajanye mu bunyagano, mumusubizeyo aje kubayo maze abigishe ingene basenga Imana yaho.» 28 Nuko umwe mu baherezi bari barakuwe i Samariya bakajanwa mu bunyagano agaruka kuba i Beteli+, hanyuma atangura kubigisha ingene bakwiye gusenga* Yehova+.
29 Mugabo abantu bo muri ayo mahanga bahingura ibishusho vy’imana zabo bivanye n’ihanga bavamwo, babishira mu tuzu two mu bibanza basengeramwo twubatswe n’abahora baba i Samariya. Ukwo ni ko abo bantu bo mu mahanga atandukanye bagize mu bisagara babamwo. 30 Abava i Babiloni bahinguye Sukoti-Benoti, ab’i Kuta bahingura Nerugali, ab’i Hamati+ bahingura Ashima, 31 ab’i Ava na bo bahingura Nibuhazi na Tarutaki. Ab’i Sefaruvayimu baturiza umuriro abana babo, bakabashikanira imana z’i Sefaruvayimu+ zitwa Adurameleki na Anameleki. 32 Naho batinya Yehova, bafata abantu basanzwe bakabagira abaherezi bo mu bibanza basengeramwo. Abo baherezi ni bo babakorera muri twa tuzu two mu bibanza vyo gusengeramwo+. 33 Baratinya Yehova mugabo bagasenga imana zabo bwite, bakurikije uburyo bwo gusenga* bw’amahanga bari barakuwemwo+.
34 Gushika n’uyu musi baracasenga nk’uko bahora*. Nta n’umwe muri bo asenga* Yehova kandi nta n’umwe akurikiza ivyagezwe vyiwe, ingingo yashinze, amategeko be n’amabwirizwa Yehova yahaye abakomoka* kuri Yakobo, uwo yise Isirayeli+. 35 Igihe Yehova yagirana isezerano n’Abisirayeli+, yabategetse ati: «Ntimuze mutinye izindi mana, kandi ntimuze muzunamire canke ngo muzisenge* canke ngo muzishikanire ibimazi+. 36 Jewe Yehova, nabaduganye ndabakuye mu gihugu ca Misiri nkoresheje ububasha buhambaye n’ukuboko gukomeye*+. Ni jewe rero mukwiye gutinya+, ni je mukwiye kwunamira, kandi ni jewe mukwiye gushikanira ibimazi. 37 Muze mwame mukurikiza neza ivyagezwe vyanje, ingingo nashinze, amategeko, n’amabwirizwa nabandikiye+, kandi ntimuze mutinye izindi mana. 38 Ntimuze mwibagire isezerano nagiranye namwe+ kandi ntimuze mutinye izindi mana. 39 Jewe Yehova Imana yanyu aze abe ari jewe mutinya, kuko ari jewe nzobakiza abansi banyu bose.»
40 Ariko abantu bo muri ayo mahanga ntibagamburutse. Bagumye basenga nk’uko bahora*+. 41 Baratinya Yehova+ ariko kandi bagasenga* ibishusho vyabo bibajwe. Abana babo n’abuzukuru babo bagumye bigana ba sekuruza gushika n’uyu musi.
18 Hezekiya+ mwene Ahazi+ umwami w’Ubuyuda yabaye umwami mu mwaka ugira gatatu Hosheya+ mwene Ela umwami wa Isirayeli aganza. 2 Yari afise imyaka 25 igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka 29 aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Abi*, akaba yari umukobwa wa Zakariya+. 3 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko bigororotse+, nka sekuruza Dawidi+. 4 Ni we yakuyeho vya bibanza vyo gusengeramwo*+, amenagura inkingi nyeranda z’amabuye, atemagura n’inkingi nyeranda y’igiti*+. Yarajanjaguye na ya nzoka y’umujumpu Musa yari yarahinguye+ kuko gushika ico gihe, Abisirayeli bari bakiyishikanira ibimazi, bigafumba umwotsi. Yahora yitwa ikigirwamana c’inzoka c’umujumpu*. 5 Hezekiya yarizigira Yehova+ Imana ya Isirayeli. Nta n’umwe yari ameze nka we mu bami bose b’Ubuyuda baganje inyuma yiwe canke imbere yiwe. 6 Yarumiye kuri Yehova+, aguma amugamburukira. Yagumye akurikiza amabwirizwa Yehova yari yarahaye Musa. 7 Kandi Yehova yari kumwe na we. Ivyo yakora vyose yabikorana ubukerebutsi*. Yaragararije umwami wa Ashuri, yanka kuganzwa na we+. 8 Vyongeye yaratsinze Abafilisitiya+ gushika i Gaza no mu turere tuhakikuje, kuva ku minara y’inderetsi gushika ku bisagara bikingijwe ibihome*.
9 Mu mwaka ugira kane umwami Hezekiya aganza, ni ukuvuga mu mwaka ugira indwi Hosheya+ mwene Ela umwami wa Isirayeli aganza, Shalumaneseri umwami wa Ashuri aduga gutera Samariya, arahugariza+. 10 Bafata Samariya+ haheze imyaka itatu. Hari mu mwaka ugira gatandatu Hezekiya aganza, ni ukuvuga mu mwaka ugira icenda Hosheya umwami wa Isirayeli aganza. 11 Maze umwami wa Ashuri ajana Abisirayeli mu bunyagano+ i Ashuri. Abajana kuba i Hala n’i Habori hafi y’uruzi Gozani no mu bisagara vy’Abamedi+. 12 Ivyo vyabaye kubera yuko Abisirayeli batumvirije Yehova Imana yabo, baguma barenga kw’isezerano bagiranye, ni ukuvuga ibintu vyose Musa umusavyi wa Yehova yari yarabategetse+. Ntibumvirije canke ngo bagamburuke.
13 Mu mwaka ugira 14 umwami Hezekiya aganza, Senakeribu umwami wa Ashuri+ aja gutera ibisagara vyose vy’Ubuyuda bikingijwe ibihome, arabifata+. 14 Hezekiya umwami w’Ubuyuda aca arungika intumwa i Lakishi kubwira umwami wa Ashuri ngo: «Naragize nabi. Ndagusavye usubire inyuma, ureke kuntera. Ico unsaba cose nzokiguha.» Nuko umwami wa Ashuri ategeka ko Hezekiya umwami w’Ubuyuda amuha italanto* 300 z’ifeza n’italanto 30 z’inzahabu. 15 Hezekiya atanga rero ifeza zose zari mu nzu ya Yehova no mu bubiko bw’itunga ry’inzu* y’umwami+. 16 Nuko Hezekiya umwami w’Ubuyuda akurako* imiryango y’urusengero+ rwa Yehova n’ibishimaryango we ubwiwe yari yarahometseko inzahabu+, araheza abiha umwami wa Ashuri.
17 Maze umwami wa Ashuri arungika Tarutani*, Rabusarisi* na Rabushake* i Yeruzalemu kuraba umwami Hezekiya bari kumwe n’ingabo nyinshi. Bava i Lakishi+, baduga i Yeruzalemu+. Bashitseyo, bahagarara iruhande y’umugende w’ikidengeri co haruguru uri iruhande y’ibarabara rikuru rija kw’itongo ry’umumesuzi+. 18 Baca bahamagara umwami, ariko haza Eliyakimu+ mwene Hilikiya yari ajejwe ivyo ku kirimba*, n’umunyamabanga Shebuna+ na Yowa mwene Asafu, umwanditsi w’ivyaja biraba.
19 Rabushake ababwira rero ati: «Ndabasavye mubwire Hezekiya muti: “Umwami ahambaye, umwami wa Ashuri, avuze ati: ‘Ivyizigiro vyawe bishingiye ku ki+? 20 Uvuga uti: “Ndafise ubuhinga bwo kurwana n’ingabo zishoboye urugamba.” Ako ni akarimi gusa. Wizigiye nde, aho wubahuka kungarariza+? 21 Wizigiye Misiri kandi ari irenga rijanjaguritse+? Umuntu aryishimikije rica rimutobora ikiganza. Ukwo ni ko Farawo umwami wa Misiri amerera abamwizigira bose. 22 Mumbwiye na ho ko mwizigiye Imana yanyu Yehova+, kwoba ari ukwihenda. Mbega Hezekiya si we yakuyeho ibibanza vyo kuyisengeramwo n’ibicaniro vyayo+, agaca abwira abo mu Buyuda n’i Yeruzalemu ati: “Muzoze murunamira Imana imbere y’iki gicaniro kiri i Yeruzalemu+”?’” 23 Nimba uri umugabo Hezekiya, ndagusavye wemeranye iki kintu* na databuja umwami wa Ashuri: reka nguhe amafarasi 2.000 turabe ko uronka abasoda bakwiye boyagenderako+. 24 Ahantu wizigira imikogote yo mu Misiri n’abasoda baho bagendera ku mafarasi, wumva woshobora gute gutsinda? Na buramatari umwe gusa wo hasi mu basuku ba databuja ntiwomutsinda. 25 Ugira ngo naduze gutera aha hantu ngo ndahatikize ata ruhusha ruvuye kuri Yehova mfise? Yehova ubwiwe yambwiye ati: “Duga utere ico gihugu, ugitikize.”»
26 Eliyakimu mwene Hilikiya na Shebuna+ na Yowa baca babwira Rabushake+ bati: «Turagusavye databuja, uvugane natwe mu giharameya*+, turacumva. Reka kutubwira mu kiyuda* imbere y’aba bantu bahagaze ku ruzitiro+.» 27 Mugabo Rabushake abishura ati: «Mbega mwibaza ko databuja yantumye kubwira aya majambo mwe na shobuja gusa? Erega yantumye kubibwira n’abo bagabo bahagaze ku ruzitiro, bazohava barya umwanda wabo mukuru, bakanywa n’umwanda wabo mutoyi cokimwe namwe.»
28 Rabushake aca asemerera mu kiyuda ati: «Nimwumve ivyo umwami ahambaye avuze, umwami wa Ashuri+. 29 Umwami avuze ati: “Hezekiya ntabahende, kuko adashobora kuntsinda ngo abakize+. 30 Kandi Hezekiya ntabahende ngo mwizigire Yehova, ababwira ngo: ‘Yehova ntazobura kudukiza, kandi umwami wa Ashuri ntazogenda afashe iki gisagara+.’ 31 Ntimwumvirize Hezekiya. Umwami wa Ashuri avuze ati: ‘Nimwemere mwishikane tubane amahoro. Umwe wese muri mwebwe azoheza arye ku muzabibu wiwe no ku giti ciwe c’umusukoni, anywe n’amazi yo mw’itangi ryiwe, 32 gushika nje nkabatwara mu gihugu kimeze nk’igihugu canyu+. Ni igihugu cuzuyemwo intete n’umuvinyu mushasha, imikate n’imirima y’imizabibu, ibiti vy’imyelayo n’ubuki. Muzoheza mubeho ntimupfe. Ntimwumvirize Hezekiya kuko abahenda ngo: “Yehova azodukiza.” 33 Mbega mu mana zose z’amahanga, hari n’imwe yashoboye gukingira igihugu cayo ngo ntigifatwe n’umwami wa Ashuri? 34 Imana z’i Hamati+ n’i Arupadi ziri hehe? Iz’i Sefaruvayimu+, i Hena n’i Iva zozo ziri hehe? Zoba zarakingiye Samariya sindahafate+? 35 Mu mana zose z’amahanga, ni iyihe yakingiye igihugu cayo ngo sindagifate? None Yehova wewe, mwibaza ko azokingira Yeruzalemu ngo sindahafate+?’”»
36 Mugabo ntihagira n’uwukurako umunwa ngo agire ico amwishuye, kuko umwami yari yabategetse ati: «Ntihagire ico mumwishura+.» 37 Maze Eliyakimu mwene Hilikiya yari ajejwe ivyo ku kirimba*, n’umunyamabanga Shebuna na Yowa mwene Asafu, umwanditsi w’ivyaja biraba, baja kuraba Hezekiya bitaburiyeko impuzu, bamwiganira ivyo Rabushake yavuze.
19 Umwami Hezekiya akimara kuvyumva, aca yitaburirako impuzu maze yambara igunira, araheza aja mu nzu ya Yehova+. 2 Aca arungika Eliyakimu yari ajejwe ivyo ku kirimba*, n’umunyamabanga Shebuna n’abakuru mu baherezi ngo baje kuraba umuhanuzi Yesaya+ mwene Amozi. Bagiye bambaye amagunira. 3 Babwira Yesaya bati: «Hezekiya avuze ati: “Uyu musi ni umusi w’amarushwa, umusi wo gukarirwa*, umusi w’ibimaramare, kuko tumeze nk’umugore atagira inguvu zo kwibaruka kandi hageze ko umwana avuka*+. 4 Hari aho Yehova Imana yawe yogira ico akoze yumvise ivyo Rabushake yavuze vyose, uwo shebuja umwami wa Ashuri yatumye gucokora Imana nzima+. Hari aho Yehova Imana yawe yomuhana kubera amajambo yumvise. Ndagusavye rero usengere+ abagisigaye mu gihugu.”»
5 Izo ntumwa z’umwami Hezekiya zimaze guha Yesaya ubwo butumwa+, 6 Yesaya azibwira ati: «Mubwire shobuja muti: “Yehova avuze ati: ‘Ntutinye+ kubera amajambo wumvise avugwa n’abasuku umwami wa Ashuri yarungitse kuntuka+. 7 Ngira ndamushiremwo iciyumviro* ku buryo azokwumva amakuru, agaca asubira mu gihugu iwe. Nzotuma yicishwa inkota mu gihugu iwe+.’”»
8 Rabushake yumvise yuko umwami wa Ashuri yavuye i Lakishi+, aca aja iyo ari, asanga ariko arwanira i Libuna+. 9 Umwami yumva amakuru avuga ko Tiruhaka umwami wa Etiyopiya yaje kumutera. Aca yongera kurungika intumwa+ kuri Hezekiya ati: 10 «Genda mubwire Hezekiya umwami w’Ubuyuda muti: “Iyo Mana yawe wizigira ntiguhende ngo Yeruzalemu ntizofatwa n’umwami wa Ashuri+. 11 None ntiwumvise ivyo abami ba Ashuri bakoreye ibihugu vyose bakabitikiza+? Wibaza ko ari wewe uzorokoka? 12 Mbega amahanga ba sogokuruza banje bahoneje, imana zayo zoba zarayarokoye? Ihanga rya Gozani, irya Harani+ n’irya Rezefu ari hehe? Abantu b’i Edeni bahora i Telasari, bobo bari he? 13 Ari hehe umwami w’i Hamati n’uw’i Arupadi? Umwami w’ibisagara vy’i Sefaruvayimu, uw’i Hena n’uw’i Iva, bobo bari hehe+?”»
14 Hezekiya atora rero amakete izo ntumwa zimuzaniye arayasoma, hanyuma aja ku nzu ya Yehova, ayagaranzura* imbere ya Yehova+. 15 Hezekiya aca atangura gusengera+ imbere ya Yehova ati: «Ewe Yehova Mana ya Isirayeli, wewe wicaye ku ntebe yawe y’ubwami hejuru* y’abakerubi+, ni wewe wenyene uri Imana y’ukuri y’ubwami bwose bwo kw’isi+. Ni wewe waremye* ijuru n’isi. 16 Tega ugutwi wumve, Yehova we+! Ugurura amaso Yehova+, urabe. Niwumve ubutumwa Senakeribu yarungitse bwo kugucokora wewe Mana nzima. 17 Ewe Yehova, ni ivy’ukuri ko abami ba Ashuri batikije amahanga n’ibihugu vyayo+. 18 Imana z’ayo mahanga bazitereye mu muriro kuko zitari imana vy’ukuri+. Zahinguwe n’abantu+, zikorwa mu biti no mu mabuye. Ni co gituma bashoboye kuzitikiza. 19 None rero Yehova Mana yacu, turakwinginze udukize umwami wa Ashuri, kugira ngo ubwami bwose bwo kw’isi bumenye yuko wewe Yehova, wewe wenyene ari wewe Mana+.»
20 Yesaya mwene Amozi aca arungikira Hezekiya ubutumwa bugira buti: «Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: “Ivyo wambwiye mw’isengesho vyerekeye Senakeribu umwami wa Ashuri navyumvise+. 21 Ibi ni vyo jewe Yehova mvuze kuri we:
‘Umukobwa w’isugi wa Siyoni* aragusuzuguye, aragutwenze.
Umukobwa wa Yeruzalemu arakuzungagirije umutwe.
22 Mbega urazi uwo wacokoye? Urazi uwo watutse+?
Uwo wakankamiye+,
ukamurabana ubwibone, uramuzi?
Ni wa Mweranda wa Isirayeli+!
23 Warungitse intumwa+ kuncokora jewe Yehova+, uvuga uti:
“Ko mfise imikogote myinshi y’intambara,
nzoduga hejuru ku misozi,
nshike mu duce tw’i Libani turi kure cane.
Nzokwicira ibiti vyaho vy’amasederi birebire n’ivy’imiberoshi* vyizavyiza.
Nzokwinjira mu bibanza vyaho binyegeye cane, mu mashamba yaho azitanye cane.
24 Nzokwimba amariba, nywe amazi yo mu bindi bihugu.
Nzokamya imigende yose y’amazi* yo mu Misiri nkoresheje ibirenge vyanje.”
25 Mbega ntiwari bwavyumve? Navyiyumviriye* kuva kera cane+.
Nabiteguye* kuva kera na rindi+.
Ubu rero ngira ndabikore+.
Uzotikiza ibisagara bikingijwe ibihome, bisigare ari ibirundo vy’ibihomvagurike+.
26 Ababibamwo ntibazoronka ikibatabara.
Bazotekerwa n’ubwoba bamaramare.
Bazoba nk’ibimera vyo mu gahinga n’ivyatsi bitoto+,
bamere nk’ivyatsi binaga hejuru ku nzu*, bikababurwa n’umuyaga wo mu buseruko.
27 Ndazi neza igihe wicara, igihe usohoka, igihe ugaruka+,
n’igihe uba umfitiye ishavu rikaze+.
28 Erega narumvise ishavu rikaze umfitiye+ n’ukuroha kwawe+.
Nzoshira rero igera ryanje mu zuru ryawe n’imigozi* yanje+ hagati y’iminwa yawe,
mpeze ndagusubize inyuma ndagucishije mu nzira wazananye+.’
29 Iki ni co kizokubera ikimenyetso Hezekiya: uyu mwaka muzorya ivyimejeje, mu mwaka ugira kabiri murye intete zimejeje bivuye ku zakorotse mu mwaka wa mbere+. Mugabo mu mwaka ugira gatatu, muzobiba imbuto, mwimbure, mutere n’imirima y’imizabibu, murye ivyamwa vyayo+. 30 Abo mu Buyuda bazoba barokotse bagasigara+, bazoshora imizi munsi maze bame ivyamwa hejuru. 31 Mu gisagara ca Yeruzalemu hazova amasigarira, ku musozi Siyoni have abarokotse. Umwete wa Yehova Nyeningabo ni wo uzobikora+.
32 Ni co gituma ku bijanye n’umwami wa Ashuri, jewe Yehova mvuze+ nti:
‘Ntazokwinjira muri iki gisagara+
canke ngo aharase umwampi
canke ngo ahatumbere yitwaje inkinzo
canke ngo aharunde ibivu yuririrako kugira ahatere+.
33 Inzira yazananye ni yo azocamwo mu gusubira inyuma.
Ntazokwinjira muri iki gisagara’, ni jewe Yehova ndabivuze.
35 Kuri uwo musi nyene mw’ijoro, umumarayika wa Yehova araza, yica ingabo 185.000 mw’ikambi y’Abashuri+. Abantu bavyutse kare mu gitondo basanga ingabo zose ni imivyimba gusa+. 36 Nuko Senakeribu umwami wa Ashuri aragenda asubira i Ninewe+, agumayo+. 37 Umusi umwe ariko arasenga imana yiwe Nisiroki mu rusengero* rwayo, abahungu biwe bwite, ari bo Adurameleki na Shareseri, bamwicisha inkota+ hanyuma bahungira mu karere ka Ararati+. Umuhungu wiwe Esari-Hadoni+ aca atangura kuganza mu kibanza ciwe.
20 Muri iyo misi, Hezekiya ararwara agera hafi yo gupfa+. Nuko umuhanuzi Yesaya mwene Amozi aza kumuraba, amubwira ati: «Yehova avuze ati: “Tunganya ivyo mu rugo rwawe* kuko ugiye gupfa. Ntuzokira+.”» 2 Hezekiya aca arahindukira arabana n’uruhome, asenga Yehova ati: 3 «Ndagusavye Yehova, ni ukuri ndakwinginze, wibuke ingene nagukoreye* ntahemuka kandi n’umutima wanje wose, nkakora ivyo ubona ko ari vyiza+.» Maze Hezekiya atangura kurira cane.
4 Yesaya ataranashika ku mbuga yo hagati ku kirimba, Yehova amubwira+ ati: 5 «Subira inyuma ubwire Hezekiya indongozi y’abantu banje uti: “Yehova Imana ya sogokuruza Dawidi avuze ati: ‘Numvise isengesho ryawe, ndabona n’amosozi yawe+. Ngira ndagukize+. Hirya y’ejo* uzoduga uje ku nzu ya Yehova+. 6 Nzokwongera imyaka 15 yo kubaho, kandi wewe n’iki gisagara nzobakiza umwami wa Ashuri+. Nzorwanira iki gisagara ku bwanje no ku bw’umusavyi wanje Dawidi+.’”»
7 Yesaya aca avuga ati: «Nimuzane insukoni zumye zibumbabumvye.» Nuko barazizana bazishira ku gihute, maze Hezekiya atangura gutora mitende+.
8 Hezekiya yari yabajije Yesaya ati: «Ikimenyetso+ kinyereka yuko Yehova azonkiza be n’uko hirya y’ejo* nzoduga nkaja ku nzu ya Yehova ni ikihe?» 9 Yesaya yaciye amwishura ati: «Ikimenyetso kivuye kuri Yehova kikwereka ko Yehova azoshitsa ivyo avuze ni iki: ushaka ko igitutu co ku ngazi* kija imbere intambuko cumi canke ko gisubira inyuma intambuko cumi+?» 10 Hezekiya na we amubwira ati: «Biroroshe ko igitutu kija imbere intambuko cumi, mugabo ntivyoroshe ko gisubira inyuma intambuko cumi.» 11 Umuhanuzi Yesaya yaciye rero atakambira Yehova, na we atuma igitutu co ku ngazi za Ahazi gisubira inyuma intambuko cumi+.
12 Ico gihe umwami wa Babiloni Berodaki-Baladani mwene Baladani arungikira Hezekiya amakete n’ingabire, kuko yari yumvise ko Hezekiya yarwaye+. 13 Nuko Hezekiya yakira* abantu uwo mwami yatumye, maze abereka ububiko bw’itunga ryiwe ryose+: uri ifeza, inzahabu, amavuta amota neza* n’ayandi mavuta y’agaciro, ibirwanisho vyiwe n’ibindi bintu vyose yari atunze. Nta na kimwe Hezekiya ataberetse mu nzu yiwe* no mu bwami bwiwe bwose.
14 Inyuma y’ivyo, umuhanuzi Yesaya aja kuraba umwami Hezekiya, amubaza ati: «Abo bantu bavuze iki? Mbe hoho baje bava he?» Hezekiya yishura ati: «Baje bavuye mu gihugu ca kure, i Babiloni+.» 15 Yesaya aca amubaza ati: «Ni ibiki babonye mu nzu yawe?» Hezekiya yishura ati: «Babonye ibintu vyose biri mu nzu yanje. Nta na kimwe ntaberetse mu vyo ntuze.»
16 Nuko Yesaya abwira Hezekiya ati: «Niwumve ivyo Yehova avuze+: 17 “Mu misi iri imbere, ibiri mu nzu yawe vyose n’ibintu vyose ba sogokuruza bawe barundanije gushika n’uyu musi, bizotwarwa i Babiloni+. Nta na kimwe kizosigara. Ni jewe Yehova ndabivuze. 18 Kandi bamwe mu bahungu uzovyara, bazotwarwa babe abakozi bo ku kirimba c’umwami wa Babiloni+.”»
19 Hezekiya yishura Yesaya ati: «Ijambo rya Yehova umbwiye ni ryiza+.» Yongerako ati: «Kazima hazoba hari amahoro n’umutekano* igihe nzoba nkiriho*+.»
20 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Hezekiya, ni ukuvuga ububasha bwose yerekanye n’ingene yubatse ikidengeri+ n’umugende akazana amazi mu gisagara+, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami b’Ubuyuda. 21 Nuko Hezekiya arapfa+, maze umuhungu wiwe Manase+ aca atangura kuganza mu kibanza ciwe+.
21 Manase+ yari afise imyaka 12 igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka 55 aganza i Yeruzalemu+. Nyina yitwa Hefuziba. 2 Yakoze ivyo Yehova abona ko ari bibi, yigana imigenzo ishisha y’amahanga+ Yehova yari yaromoye akabisa Abisirayeli+. 3 Yasubiye kwubaka ibibanza vyo gusengeramwo ibigirwamana* se Hezekiya yari yarakuyeho+, yubaka n’ibicaniro vya Bayali, yongera ahingura inkingi nyeranda y’igiti*+ nk’uko Ahabu umwami wa Isirayeli yari yarabigize+. Yarunamira n’ingabo zose zo kw’ijuru* akazisenga*+. 4 Yarubatse n’ibicaniro mu nzu ya Yehova+ kandi ku vyerekeye iyo nzu, Yehova yari yaravuze ati: «I Yeruzalemu ni ho hazokwitirirwa izina ryanje+.» 5 Yarubakiye ibicaniro n’ingabo zose zo kw’ijuru+, avyubaka mu bigo bibiri vy’inzu ya Yehova+. 6 Yaranaturiye umuhungu wiwe bwite amutangako ikimazi*, akora ivy’amageza, aja mu vy’ubupfumu*+, ashiraho abakora ivyo guhanuza abapfuye*, ashiraho na ba rumenyi+. Akora ku rugero runini ivyo Yehova abona ko ari bibi, kugira ngo amubabaze.
7 Vyongeye, igishusho ca ya nkingi nyeranda y’igiti+ yari yahinguye agishira mu nzu y’Imana kandi Yehova yari yarabwiye Dawidi n’umuhungu wiwe Salomo ku bijanye n’iyo nzu ati: «Muri iyi nzu no mu gisagara ca Yeruzalemu natoye mu miryango yose ya Isirayeli, hazokwama hitirirwa izina ryanje+. 8 Kandi sinzokwongera gutuma Abisirayeli bava mu gihugu nahaye ba sekuruza+, nibakurikiza neza amabwirizwa yose nabahaye+, bakisunga amategeko yose umusavyi wanje Musa yabategetse kwubahiriza.» 9 Ariko ntibagamburutse, kandi Manase yagumye abosha nabi, atuma bakora ibibi biruta ivyakorwa n’amahanga Yehova yazimanganije igihe Abisirayeli binjira mu gihugu+.
10 Yehova yaguma avuga biciye ku basavyi biwe b’abahanuzi+ ati: 11 «Manase umwami w’Ubuyuda aguma akora ivyo bintu biteye ishishi. Akora ibintu vy’ububisha biruta ivyo Abamori+ bose babayeho imbere yiwe bakoze+, agatuma n’abantu bo mu Buyuda bacumura kubera ibigirwamana vyiwe bisesemye*. 12 Ni co gituma jewe Yehova Imana ya Isirayeli mvuze nti: “Ngira nzane ivyago kuri Yeruzalemu+ n’Ubuyuda ku buryo uwuzovyumva wese iminzerere izomuvugira mu matwi+. 13 Kandi nzopimisha Yeruzalemu umugozi+ napimishije Samariya+, nkoreshe n’inivo* nakoresheje ku muryango wa Ahabu+. Nzokwoza Yeruzalemu nk’uko umuntu yoza ibakure agaca ayubika+. 14 Nzoheba amasigarira y’abantu banje*+ ndabatange ku bansi babo. Abansi babo bose bazobasahura bongere babatware ari inyagano+, 15 kubera ko bakoze ivyo mbona ko ari bibi, bakaguma bambabaza kuva umusi ba sekuruza bava mu Misiri gushika n’uyu musi+.”»
16 Manase yarasheshe n’amaraso menshi cane y’abantu ata co bazira, Yeruzalemu yose ayuzuza amaraso+. Ivyo vyaje vyiyongera ku gicumuro yakwegeyemwo abo mu Buyuda bagakora ivyo Yehova abona ko ari bibi. 17 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Manase, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose n’ibicumuro yakoze, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami b’Ubuyuda. 18 Nuko Manase arapfa, bamuhamba ku rugo iwe mu murima wahora ari uwa Uza+, maze umuhungu wiwe Amoni atangura kuganza mu kibanza ciwe.
19 Amoni+ yari afise imyaka 22 igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka ibiri aganza i Yeruzalemu+. Nyina yitwa Meshulemeti, akaba yari umukobwa wa Haruzi w’i Yotiba. 20 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi nka se Manase+. 21 Yagumye akora nk’ivyo se yakoze vyose, agasenga* ibigirwamana bisesemye se yahora asenga, akavyunamira+. 22 Nuko aheba Yehova Imana ya ba sekuruza, ntiyakora ivyo Yehova agomba*+. 23 Mu nyuma abasuku ba Amoni bategura umugambi wo kumugirira nabi, maze bamwicira mu nzu iwe. 24 Mugabo abanyagihugu bica abantu bose bari muri uwo mugambi wo kwica umwami Amoni, maze bimika umuhungu wiwe Yosiya ngo aganze mu kibanza ciwe+. 25 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Amoni, ni ukuvuga ivyo yakoze, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami b’Ubuyuda. 26 Nuko bamuhamba mu mva yiwe mu murima wa Uza+, umuhungu wiwe Yosiya+ aca atangura kuganza mu kibanza ciwe.
22 Yosiya+ yari afise imyaka umunani igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka 31 aganza i Yeruzalemu+. Nyina yitwa Yedida akaba yari umukobwa wa Adaya w’i Bozikati+. 2 Yakoze ivyo Yehova abona ko bigororotse, akora nk’ivyo sekuruza Dawidi yakoze vyose*+, ntiyakebereza iburyo canke ibubamfu.
3 Mu mwaka ugira 18 umwami Yosiya aganza, Yosiya atuma umunyamabanga Shafani mwene Azaliya, Azaliya mwene Meshulamu, ngo aje ku nzu ya Yehova+. Amubwira ati: 4 «Duga ku muherezi mukuru Hilikiya+, umubwire atore amahera yose azanwa mu nzu ya Yehova+, ayo abarinda imiryango begeranije bayakuye mu bantu+. 5 Ayo mahera ahabwe abatowe ngo bahagarikire ibikorwa vyo ku nzu ya Yehova. Bace bayaha abakora ivyo bikorwa vyo ku nzu ya Yehova kugira basanasane aho iyo nzu yononekaye*+. 6 Bayahe ababaji*, abubatsi n’abafundi*. Bazoyagure ibiti n’amabuye abajwe bazokoresha mu gusanasana iyo nzu+. 7 Mugabo nta wuzosuzuma ingene bakoresha amahera bahawe kubera ko ari abizigirwa+.»
8 Mu nyuma umuherezi mukuru Hilikiya abwira umunyamabanga Shafani+ ati: «Natoye igitabu c’amategeko+ mu nzu ya Yehova.» Hilikiya aca agiha Shafani, na we atangura kugisoma+. 9 Maze umunyamabanga Shafani aja kuraba umwami, amubwira ati: «Abasuku bawe begeranije* amahera yari mu nzu ya Yehova, baca bayaha abatowe ngo bahagarikire ibikorwa vyo kuri iyo nzu+.» 10 Umunyamabanga Shafani yongerako ati: «Hari igitabu+ umuherezi Hilikiya yampaye.» Nuko Shafani atangura kugisomera imbere y’umwami.
11 Umwami ngo yumve ibivugwa muri ico gitabu c’amategeko, aca yitaburirako impuzu+. 12 Araheza ategeka umuherezi Hilikiya na Ahikamu+ mwene Shafani na Akibori mwene Mikaya n’umunyamabanga Shafani na Asaya umusuku w’umwami ati: 13 «Nimugende mumbarize Yehova, mubarize n’aba bantu be n’abo mu Buyuda bose ibijanye n’amajambo yo muri iki gitabu catowe. Yehova adufitiye ishavu ryinshi cane+ kuko ba sogokuruza batakurikije ibivugwa muri iki gitabu. Ntibubahirije ibintu vyose dusabwa vyanditswe muri co.»
14 Nuko umuherezi Hilikiya na Ahikamu na Akibori na Shafani na Asaya baja ku muhanuzikazi Hulida+, muka Shalumu mwene Tikiva, Tikiva mwene Harihasi. Shalumu yari ajejwe ivyambarwa*. Hulida yaba mu gace ka kabiri k’igisagara ca Yeruzalemu. Aho ni ho bavuganiye+. 15 Na we ababwira ati: «Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: “Mubwire umugabo yabantumyeko muti: 16 ‘Yehova avuze ati: “Ngira nteze ivyago aha hantu n’abahaba, ndabazaneko ibintu vyose biri muri ico gitabu umwami w’Ubuyuda yasomye+. 17 Ishavu mfitiye aha hantu rizoduga nk’umuriro udashobora kuzima+, kubera ko abaho bampevye, bakaba bashikanira izindi mana ibimazi bigafumba umwotsi+. Ivyo babigira kugira ngo bambabaze biciye ku vyo bakora vyose+.”’ 18 Ariko mubwire umwami w’Ubuyuda yabatumye kubaza Yehova muti: ‘Ku bijanye n’amajambo wumvise, ng’ibi ivyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: 19 “Wumvise ivyo nzokorera aha hantu n’abahaba, ko bazovumwa kandi bagasigara ari akajoreza, biragukora ku mutima*. Waciye wicisha bugufi+ imbere yanje jewe Yehova, uraheza witaburirako impuzu+ uririra imbere yanje. Nanje rero nakwumvise, ni jewe Yehova ndabivuze. 20 Ni co gituma nzoreka ukipfira* bakaguhamba mu mva yawe amahoro, kandi amaso yawe ntazobona ivyago vyose nzoteza aha hantu.”’”» Nuko bazanira umwami iyo nyishu.
23 Maze umwami atumako abashingantahe bose bo mu Buyuda n’i Yeruzalemu+. 2 Hanyuma umwami araduga aja ku nzu ya Yehova ari kumwe n’abagabo bo mu Buyuda bose, ababa i Yeruzalemu bose, abaherezi n’abahanuzi, ni ukuvuga abantu bose kuva ku muto gushika ku wuhambaye. Abasomera amajambo yose yo muri ca gitabu+ c’isezerano+ bari batoye mu nzu ya Yehova+. 3 Umwami ahagarara iruhande y’inkingi, asezeranira* imbere ya Yehova+ yuko azogamburukira Yehova, akubahiriza amabwirizwa yiwe, ivyibutswa vyiwe n’amategeko yiwe. Asezerana kuzobigira n’umutima wiwe wose n’ubuzima bwiwe bwose, agakurikiza ivyanditswe muri ico gitabu c’isezerano. Nuko abantu bose bemera kwubahiriza iryo sezerano+.
4 Umwami aca ategeka umuherezi mukuru Hilikiya+ n’abaherezi bo ku rwego rugira kabiri n’abarinzi b’imiryango, ngo basohore mu rusengero rwa Yehova ibikoresho vyose vyakorewe Bayali, ivyakorewe ya nkingi nyeranda y’igiti*+ n’ivyakorewe ingabo zose zo kw’ijuru*. Maze abituririra inyuma ya Yeruzalemu, ku mikobeko y’umwonga Kidironi, araheza ajana umunyota wavyo i Beteli+. 5 Abogoza abaherezi b’imana z’inyamahanga. Bari bashizweho n’abami b’Ubuyuda ngo baze baratanga ibimazi bifumbe umwotsi. Babitangira mu bibanza vyo gusengeramwo* vyari mu bisagara vy’Ubuyuda no mu micungararo ya Yeruzalemu. Abogoza n’abashikana ibimazi bigafumba umwotsi babishikanira Bayali, izuba, ukwezi, imigwi y’inyenyeri n’izindi ngabo zose zo kw’ijuru+. 6 Akura ya nkingi nyeranda y’igiti+ mu nzu ya Yehova, ayijana inyuma ya Yeruzalemu ku mwonga Kidironi, ayituririrayo+. Hanyuma arayisya icika ifu, aca ayisanzariza ku mva z’abantu batobato+. 7 Vyongeye asiturira hasi utuzu tw’abamaraya b’abagabo* bo mu bibanza vyo gusengeramwo*+ twari mu nzu ya Yehova, aho abagore bajishira amahema yakoreshwa mu vyo gusenga ya nkingi nyeranda y’igiti.
8 Maze akura abaherezi bose mu bisagara vy’Ubuyuda, yongera ahumanya ibibanza vyo gusengeramwo ibigirwamana abo baherezi bashikaniramwo ibimazi bigafumba umwotsi, kuva i Geba+ gushika i Beri-Sheba+. Asiturira hasi n’ibibanza vyo gusengeramwo vyari kw’irembo rya Yosuwa umukuru w’igisagara. Vyari ibubamfu umuntu yinjiye mw’irembo ry’igisagara. 9 Abaherezi bo mu bibanza vyo gusengeramwo ntibakora ibikorwa vyo ku gicaniro ca Yehova i Yeruzalemu+, mugabo barasangira na benewabo imikate itarimwo umwambiro. 10 Ahumanya n’ikibanza co gusengeramwo cari i Tofeti+ mu mubande wa bene Hinomu*+, kugira ngo ntihagire uwusubira guturira umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe ngo amushikanire Moleki*+. 11 Vyongeye, ategeka ko amafarasi abami b’Ubuyuda bari bareguriye* izuba adasubira kwinjira mu nzu ya Yehova. Yahora yinjira aciye mu cumba* c’umukozi wo ku kirimba yitwa Natani-Meleki, cari ahantu hari amabaraza. Aturira n’imikogote yeguriwe izuba+. 12 Ibicaniro abami b’Ubuyuda bari barubatse hejuru y’igisenge*+ c’icumba ca Ahazi*, n’ibicaniro Manase yari yarubatse mu bigo bibiri vy’inzu ya Yehova+, umwami Yosiya abisiturira hasi. Arabijanjagura araheza aterera umukungugu wavyo mu mwonga Kidironi. 13 Ahumanya ibibanza vyo gusengeramwo vyari aharabana na Yeruzalemu, ku ruhande rwo mu bumanuko* bw’umusozi w’Amahonero*. Ivyo bibanza Salomo umwami wa Isirayeli yari yavyubakiye Ashitoreti imanakazi isesemye y’Abanyasidoni, Kemoshi imana isesemye y’Abanyamowabu na Milikomu*+ imana ishisha y’Abamoni+. 14 Amenagura inkingi nyeranda z’amabuye, atemagura n’inkingi nyeranda z’ibiti+, aho vyahora ahuzuza amagufa y’abantu. 15 Asambura n’igicaniro cari i Beteli hamwe n’ikibanza co gusengeramwo cubatswe na Yerobowamu mwene Nebati, kigatuma Abisirayeli bacumura+. Amaze kubisambura aca aturira ico kibanza, ivyariyo vyose arabisya bisigara ari ifu, aturira n’inkingi nyeranda y’igiti yaho+.
16 Yosiya ahindukiye akabona imva zari ku musozi, aca ategeka ko bakura amagufa yarimwo bakayaturirira kuri nya gicaniro c’i Beteli kugira ngo agihumanye. Ivyo vyari bihuye n’ivyo Yehova yari yaravuze, biciye kuri wa muntu w’Imana y’ukuri yamenyesha ko ivyo bintu vyobaye+. 17 Maze abaza ati: «Rirya buye mbona, riri ku mva ya nde?» Abantu bo muri ico gisagara bamwishura bati: «Ni imva y’umuntu w’Imana y’ukuri yavuye mu Buyuda+, akavuga ko ivyo bintu ukoreye igicaniro c’i Beteli vyobaye.» 18 Umwami aca avuga ati: «Nimumureke yiruhukire. Ntihagire uwukoma amagufa yiwe.» Nuko bareka amagufa yiwe n’aya wa muhanuzi yari yavuye i Samariya+.
19 Yosiya akuraho n’utuzu two mu bibanza vyo gusengeramwo twari mu bisagara vy’i Samariya+. Abami ba Isirayeli bari batwubatse kugira bababaze Imana. Yosiya atugira nk’uko yagize ikibanza co gusengeramwo c’i Beteli+. 20 Nuko yicira* ku bicaniro abaherezi bose bo mu bibanza vyo gusengeramwo bari ng’aho, abituririrako n’amagufa y’abantu+. Hanyuma asubira i Yeruzalemu.
21 Umwami ategeka rero abantu bose ati: «Nimuhimbarize Pasika+ Yehova Imana yanyu nk’uko vyanditswe muri iki gitabu c’isezerano+.» 22 Nta Pasika nk’iyo yari bwahimbazwe kuva mu gihe c’abacamanza ba Isirayeli no mu gihe cose c’abami ba Isirayeli n’ab’Ubuyuda+. 23 Bahimbarije Yehova iyo Pasika i Yeruzalemu mu mwaka ugira 18 umwami Yosiya aganza.
24 Vyongeye Yosiya akura mu gihugu abakora ivy’uguhanuza abapfuye*, ba rumenyi+, ibigirwamana vy’umuryango*+, ibigirwamana bisesemye* n’ibindi bintu vyose bisesemye vyari bisigaye biri mu Buyuda n’i Yeruzalemu. Yabigize kugira akurikize ibiri mu mategeko+ yanditswe muri ca gitabu umuherezi Hilikiya yatoye mu nzu ya Yehova+. 25 Mu bami bose babayeho imbere ya Yosiya, nta mwami yagarutse kuri Yehova n’umutima wiwe wose n’ubuzima bwiwe bwose+ n’inguvu ziwe zose nka Yosiya, akurikije amategeko ya Musa yose. N’inyuma yiwe nta wabonetse ameze nka we.
26 Ariko ishavu rirurumba Yehova yari afitiye Ubuyuda ntiryaheze, kubera ibintu vyose bibabaza Manase yari yarakoze kugira amubabaze+. 27 Yehova yavuze ati: «N’abo mu Buyuda nzobomora bamve imbere+ nk’uko nomoye Abisirayeli+. Nzota iki gisagara ca Yeruzalemu natoye n’iyi nzu navuze ko izokwama yitirirwa izina ryanje+.»
28 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Yosiya, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami b’Ubuyuda. 29 Ku ntwaro ya Yosiya, Farawo Neko umwami wa Misiri aja guhura n’umwami wa Ashuri hafi y’uruzi Efurate. Maze umwami Yosiya aja kurwana na we, mugabo Farawo Neko amubonye amwicira i Megido+. 30 Nuko abantu biwe bakura ikiziga ciwe i Megido, bagitwara i Yeruzalemu mu mukogote hanyuma bamuhamba mu mva yiwe. Maze abanyagihugu bafata Yehowahazi mwene Yosiya bamurobanuza amavuta*, bamugira umwami mu kibanza ca se+.
31 Yehowahazi+ yabaye umwami afise imyaka 23, maze amara amezi atatu aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Hamutali+, akaba yari umukobwa wa Yeremiya w’i Libuna. 32 Atangura gukora ivyo Yehova abona ko ari bibi, yigana ivyo ba sekuruza bari barakoze vyose+. 33 Farawo Neko+ amuta mw’ibohero i Ribula+ mu karere ka Hamati kugira ngo ntaganze i Yeruzalemu. Maze ategeka igihugu gutanga amande y’italanto* 100 z’ifeza n’italanto imwe y’inzahabu+. 34 Farawo Neko araheza yimika Eliyakimu mwene Yosiya ngo abe umwami mu kibanza ca se Yosiya, maze ahindura izina ryiwe amwita Yehoyakimu. Mugabo aca afata Yehowahazi amujana mu Misiri+, ari na ho yahavuye apfira+. 35 Yehoyakimu aha Farawo ifeza n’inzahabu. Mugabo yabwirijwe gutangisha ikori igihugu kugira aronke ivyo* Farawo yasavye. Umunyagihugu wese yamushingiye urugero rw’ifeza n’inzahabu akwiye gutanga kugira abihe Farawo Neko.
36 Yehoyakimu+ yabaye umwami afise imyaka 25, maze amara imyaka 11 aganza i Yeruzalemu+. Nyina yitwa Zebida, akaba yari umukobwa wa Pedaya w’i Ruma. 37 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi+, yigana ivyo ba sekuruza bari barakoze vyose+.
24 Ku ntwaro ya Yehoyakimu, Nebukadinezari+ umwami wa Babiloni aza gutera igihugu ciwe, maze Yehoyakimu amara imyaka itatu aganzwa na we. Ariko aramuhinduka, aramugarariza. 2 Maze Yehova atangura kurungika utugwi tw’abambuzi ngo tumutere: uri utw’Abakaludaya+, Abasiriya, Abanyamowabu n’Abamoni. Yehova yagumye arungika utwo tugwi mu Buyuda ngo tubatikize, nk’uko yari yarabivuze+ biciye ku basavyi biwe b’abahanuzi. 3 Yehova ni we vy’ukuri yashinze ko ivyo bintu bishikira Ubuyuda, kugira ngo abahaba abomore bamuve imbere+ kubera ibicumuro vyose Manase yakoze+ 4 no kubera amaraso y’abantu ata co bazira yasheshe+. Yujuje Yeruzalemu amaraso y’abantu ata co bazira, maze Yehova yanka gutanga imbabazi+.
5 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Yehoyakimu, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami b’Ubuyuda+. 6 Nuko Yehoyakimu arapfa+, umuhungu wiwe Yehoyakini aca atangura kuganza mu kibanza ciwe.
7 Umwami wa Misiri ntiyubahuka gusubira kuva mu gihugu ciwe, kuko umwami wa Babiloni yari yaratwaye ivyegukira uwo mwami wa Misiri vyose+, kuva ku mwonga* wa Misiri+ gushika ku ruzi Efurate+.
8 Yehoyakini+ yabaye umwami afise imyaka 18, maze amara amezi atatu aganza i Yeruzalemu+. Nyina yitwa Nehushita, akaba yari umukobwa wa Elinatani w’i Yeruzalemu. 9 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi, yigana ivyo se yari yarakoze vyose. 10 Muri ico gihe, ingabo za Nebukadinezari umwami wa Babiloni ziduga gutera i Yeruzalemu, zirahugariza+. 11 Nuko Nebukadinezari umwami wa Babiloni ashika i Yeruzalemu, ingabo ziwe zikihugarije.
12 Maze Yehoyakini umwami w’Ubuyuda ari kumwe na nyina, n’abasuku biwe, n’abatware biwe*, n’abakozi bo ku kirimba iwe+, baja kwishikana ku mwami wa Babiloni+, na we aca amugira imbohe. Hari mu mwaka ugira umunani umwami wa Babiloni aganza+. 13 Agenda atwaye ubutunzi bwose bwari mu nzu ya Yehova n’ubwari mu nzu* y’umwami+. Ahimbagura ibikoresho vy’inzahabu vyose vyari mu rusengero rwa Yehova, vyari vyakozwe na Salomo umwami wa Isirayeli+. Vyabaye nk’uko Yehova yari yarabivuze. 14 Atwara mu bunyagano ab’i Yeruzalemu bose: abatware* bose+, abarwanyi b’intwari bose, abanyamyuga bose b’abahinga hamwe n’abacuzi* bose+. Bose hamwe bari 10.000. Nta wasigaye mu gihugu kiretse abanyagihugu nyarucari+. 15 Nuko atwara Yehoyakini+ mu bunyagano i Babiloni+, agenda atwaye na nyina w’umwami, abagore b’umwami, abakozi bo ku kirimba iwe n’abantu bakurubakuru bo muri ico gihugu. Abakura i Yeruzalemu abatwara i Babiloni ari inyagano. 16 Umwami wa Babiloni atwara kandi abarwanyi bose, bakaba bari 7.000. Atwara n’abanyamyuga b’abahinga be n’abacuzi*, bose hamwe bakaba bari 1.000. Abo bantu bose yatwaye mu bunyagano bari abagabo b’intwari bazi kurwana. 17 Maze umwami wa Babiloni yimika Mataniya sewabo wa Yehoyakini+, amugira umwami mu kibanza ciwe. Araheza amuhindura izina, amwita Zedekiya+.
18 Zedekiya yabaye umwami afise imyaka 21, maze amara imyaka 11 aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Hamutali+, akaba yari umukobwa wa Yeremiya w’i Libuna. 19 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi, yigana ivyo Yehoyakimu yari yarakoze vyose+. 20 Ishavu rya Yehova ni ryo ryatumye ivyo bintu biba i Yeruzalemu no mu Buyuda, gushika yomoye abahaba bakamuva imbere+. Zedekiya arahava agarariza umwami wa Babiloni+.
25 Nuko mu mwaka ugira icenda Zedekiya aganza, ku musi ugira cumi w’ukwezi kugira cumi, Nebukadinezari+ umwami wa Babiloni azanana n’ingabo ziwe zose gutera Yeruzalemu+. Akambika hafi y’ico gisagara, yubaka irya n’ino yaco uruzitiro rwo kuhatera+. 2 Ico gisagara kiguma cugarijwe gushika mu mwaka ugira 11 umwami Zedekiya aganza. 3 Ku musi ugira icenda w’ukwezi kugira kane, inzara yari imaze gukara+ mu gisagara, kandi nta bifungurwa abanyagihugu bari bafise+. 4 Maze Abakaludaya bamena uruzitiro rw’ico gisagara+. Mu gihe bari bakikuje ico gisagara, abasoda bose ba Zedekiya bahengera mw’ijoro, barahunga baciye mw’irembo ryari hagati y’inzitiro zibiri hafi y’umurima w’umwami. Umwami Zedekiya aca ahunga yerekeza mu karere ka Araba+. 5 Mugabo ingabo z’Abakaludaya zimwirukako, zimuhambiriza mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Yeriko maze abasoda biwe bose barasanzara baramuta. 6 Nuko bafata umwami+ bamudugana i Ribula ku mwami wa Babiloni, bamucira urubanza. 7 Abahungu ba Zedekiya babicira mu maso yiwe, maze Nebukadinezari amugira impumyi. Hanyuma amubohesha amapingu y’umujumpu araheza amujana i Babiloni+.
8 Mu mwaka ugira 19 Nebukadinezari umwami wa Babiloni aganza, ku musi ugira indwi w’ukwezi kugira gatanu, Nebuzaradani ashika i Yeruzalemu+. Nebuzaradani+ yakorera umwami wa Babiloni, akaba yari umukuru w’abamucungera. 9 Maze aturira inzu ya Yehova+, inzu* y’umwami+ n’inzu zose z’i Yeruzalemu+, aturira n’inzu z’abanyacubahiro bose+. 10 Ingabo z’Abakaludaya zose zari kumwe n’uwo mukuru w’abacungera umwami zisiturira hasi inzitiro zikikuje Yeruzalemu+. 11 Nebuzaradani umukuru w’abacungera umwami atwara mu bunyagano abantu bari basigaye mu gisagara n’abari bataye bakomokera ku mwami wa Babiloni n’abandi banyagihugu bose+. 12 Mugabo uwo mukuru w’abacungera umwami asigazayo bamwebamwe mu bantu nyarucari ngo baze barakorera mu mirima y’imizabibu, bakore n’ibindi bikorwa vy’agahato+. 13 Maze Abakaludaya bamenagura za nkingi z’umujumpu+ zari ku nzu ya Yehova, na ya mashareti+ be na ca gitangi c’umujumpu citwa Ikiyaga+ vyari mu nzu ya Yehova, baraheza batwara umujumpu wavyo i Babiloni+. 14 Batwara n’utudobo, ibipawa, udukasi*, ibikombe n’ibindi bikoresho vyose vy’umujumpu vyakoreshwa mu rusengero. 15 Wa mukuru w’abacungera umwami atwara udupanu tujamwo umuriro n’amabakure vyari bikozwe mu nzahabu itavanze+, n’ivyari bikozwe mw’ifeza itavanze+. 16 Nayo ku bijanye na za nkingi zibiri, ca gitangi citwa Ikiyaga, na ya mashareti Salomo yari yarakoreye inzu ya Yehova, nta washobora gupima umujumpu wari kuri ivyo bintu vyose+. 17 Inkingi imwe yose yareha n’intambwe* 18+. Igikono cari hejuru kuri yo cari gikozwe mu mujumpu kikaba careha n’intambwe zitatu. Udusharizo tumeze nk’urusenga be n’amakomamanga vyari bigikikuje, vyose vyari bikozwe mu mujumpu+. Izo nkingi zompi n’utwo dusharizo twazo vyari bikozwe kumwe.
18 Wa mukuru w’abacungera umwami afata na Seraya+ umukuru w’abaherezi be n’umuherezi Zefaniya+, akaba yari icegera ciwe. Afata n’abarinzi b’imiryango batatu+. 19 Afata umukozi wo ku kirimba yagaba abasoda amukuye mu gisagara, ahafatira n’abagabo batanu b’abishikira ku mwami. Afata n’umunyamabanga w’umukuru w’ingabo, ari na we yatumako abinjira mu gisoda. Afata n’abagabo 60 bo mu banyagihugu batobato bari bakiri mu gisagara. 20 Abo bose Nebuzaradani+ umukuru w’abacungera umwami arabafata abajana i Ribula ku mwami wa Babiloni+. 21 Maze umwami wa Babiloni abicira aho i Ribula mu karere ka Hamati+. Ukwo ni ko ababa mu Buyuda bavuye mu gihugu cabo, bajanwa mu bunyagano+.
22 Nebukadinezari umwami wa Babiloni agena Gedaliya+ mwene Ahikamu+, Ahikamu mwene Shafani+ ngo aganze abo yari yasigaje mu Buyuda+. 23 Abakuru b’ingabo bose hamwe n’ingabo zabo bumvise ko umwami wa Babiloni yagenye Gedaliya, baca baza kwa Gedaliya i Mizipa. Abaje ni aba: Ishimayeli mwene Netaniya, Yohanani mwene Kareya, Seraya mwene Tanihumeti w’i Netofa na Yazaniya avyarwa n’umugabo w’i Mayaka. Baje bazananye n’ingabo zabo+. 24 Gedaliya arabarahira, bo hamwe n’ingabo zabo, aca ababwira ati: «Ntimutinye kuganzwa n’Abakaludaya. Nimube mu gihugu mukorere umwami wa Babiloni, bizoheza bibagendere neza+.»
25 Maze mu kwezi kugira indwi, Ishimayeli+ mwene Netaniya, Netaniya mwene Elishama, araza ari kumwe n’abagabo cumi, bica Gedaliya, bica n’Abayuda be n’Abakaludaya bari kumwe na we i Mizipa. Ishimayeli yava mu nda y’ingoma*+. 26 Inyuma y’ivyo abantu bose, kuva ku muto gushika ku wuhambaye, ushizemwo n’abakuru b’ingabo, barahunga baja mu Misiri kuko batinye Abakaludaya+.
27 Mu mwaka ugira 37 Yehoyakini+ umwami w’Ubuyuda ari mu bunyagano, ku musi ugira 27 w’ukwezi kugira 12, Evili-Merodaki umwami wa Babiloni akura Yehoyakini* umwami w’Ubuyuda mw’ibohero. Hari mu mwaka Evili-Merodaki yatanguriyemwo kuganza+. 28 Evili-Merodaki amuyagisha neza, maze amuha ikibanza c’iteka* kuruta abandi bami bari mu bunyagano i Babiloni. 29 Nuko Yehoyakini akura impuzu zo mw’ibohero, atangura kuza arasangira n’umwami imisi yose y’ubuzima bwiwe. 30 Ku musi ku musi yama ahabwa imfungurwa zivuye i bwami. Yagumye azihabwa imisi yose y’ubuzima bwiwe.
Ushobora kuba wari umwenge batoboye mu gisenge kugira umuco winjire, ukaba wari upfutswe n’utubaho dusobekeranije.
Iryo zina risobanura ngo «Imana yanje ni Yehova.»
Canke «uhe agaciro.»
Canke «uhe agaciro.»
Yari mwenewabo na Ahaziya.
Mu giheburayo havuga ngo «mu majuru.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Imvugo «abana b’abahanuzi» ishobora kuba yerekeza kw’ishure ryamenyereza abahanuzi canke ku mugwi w’abahanuzi wari utunganijwe nk’ishirahamwe.
Canke «impuzu y’abahanuzi.»
Iyo mpwemu ishobora kuba isobanura impwemu nyeranda y’Imana canke umutima nk’uwa Eliya.
Mu giheburayo havuga ngo «mu majuru.»
Canke «impuzu y’abahanuzi.»
Canke «impuzu y’abahanuzi.»
Canke «umuyaga.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ituma inda zikoroka.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «atume inda zikoroka.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «ikibuguro.» Raba Insiguro y’amajambo (Ikibuguro).
Canke «yahora asuka amazi ku maboko ya Eliya.»
Mu giheburayo havuga ngo «jewe nawe dusangiye iki?»
Mu giheburayo havuga ngo «mpagarara imbere.»
Canke «umucuraranzi.»
Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko.»
Canke «uyu mwonga.»
Canke «uyu mwonga.»
Canke «abakenyera umukaba bose.»
Canke «umubindi w’amavuta ufise umunwa muremure.»
Amazu menshi yari afise igisenge gishashe. Bahakorera ibikorwa bitandukanye.
Mu giheburayo havuga ngo «nta muhungu.»
Canke «afise umubabaro mu mutima.»
Mu giheburayo havuga ngo «kenyera mu kiyunguyungu.»
Mu giheburayo havuga ngo «wa Mushunemukazi.»
Mu giheburayo havuga ngo «umuzabibu wo mw’ishamba.»
Mu giheburayo havuga ngo «urupfu.»
Canke «shebuja.»
Canke «ubukiriro.»
Canke «indwara yo ku rukoba.»
Namani ashobora kuba ari we yabimumenyesheje.
Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.
Raba akajambo k’epfo mu at 2Bm 7:1.
Mu giheburayo havuga ngo «ahamagara izina rya Yehova.»
Mu giheburayo havuga ngo «dawe.»
Mu giheburayo havuga ngo «ikambi yiwe yose.»
Mu giheburayo havuga ngo «uwu muhezagiro.»
Mu giheburayo havuga ngo «mpagarara imbere.»
Canke «databuja.»
Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»
Ni agace kari muri Samariya. Gashobora kuba kari agasozi canke ahantu hakingijwe ibihome.
Canke «wibaza ko umutima wanje utajanye nawe igihe wakurikira.»
Imyelayo bayita kandi olive.
Canke «yera nka shelegi.» Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.
Mu giheburayo havuga ngo «n’abasuku bawe.»
Mu giheburayo havuga ngo «abasuku.»
Mu giheburayo havuga ngo «umutima w’umwami.»
Mu giheburayo havuga ngo «iri hanga.»
Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»
Mu giheburayo havuga ngo «ikambi.»
Kabu imwe yaja mu kintu c’ilitiro 1,22. Raba Inyongera ya B14.
Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.
Canke «mu masoko.»
Mu giheburayo havuga ngo «ingero ya seya.» Seya imwe yaja mu kintu c’amalitiro 7,33. Raba Inyongera ya B14.
Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo havuga ngo «ingero za seya.»
Mu giheburayo havuga ngo «iryo jambo.»
Canke «bakiza ubuzima.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku nzu y’umwami.»
Mu giheburayo havuga ngo «ingero ya seya.»
Mu giheburayo havuga ngo «ingero za seya.»
Mu giheburayo havuga ngo «ingero za seya.»
Mu giheburayo havuga ngo «ingero ya seya.»
Mu giheburayo havuga ngo «iryo jambo.»
Canke «yagarukanira ubuzima.»
Yakoresheje iyo mvugo kugira yerekane icubahiro.
Canke «ubafomoze.»
Canke «abumupfuka.»
Ni ukuvuga uwumukomokako.
Mu giheburayo havuga ngo «mu mahema yabo.»
Mu giheburayo havuga ngo «aryama hamwe na ba sekuruza.»
Mu giheburayo havuga ngo «umukobwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «Rama.» Ni izina Ramoti-Gileyadi rivunaguye.
Canke «yari yakomeretse.»
Mu giheburayo havuga ngo «kenyera mu kiyunguyungu.»
Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Mu giheburayo havuga ngo «uwo wese yihagarika ku ruhome.» Iyo ni imvugo y’igiheburayo y’akagaye bakoresha bashaka kuvuga abantu b’igitsina-gabo.
Mu giheburayo havuga ngo «umuhungu.»
Canke «ugusenga ibigirwamana.»
Canke «imikogote ikwegwa n’amafarasi abirabiri.»
Mu giheburayo havuga ngo «zizorira inyama za Yezebeli.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku barezi ba Ahabu.»
Canke «w’intungane.»
Canke «umuryango wa cami.» Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»
Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»
Canke «muri intungane», «muragororotse.»
Mu giheburayo havuga ngo «kizokorokera hasi.»
Biboneka ko hari ahantu bazirikira intama kugira bazimwe ubwoya.
Canke «nyina w’umwami», «umugore w’iteka.»
Canke «aramuhezagira.»
Mu giheburayo havuga ngo «woba ungororokeye.»
Canke «urabe umwete mfitiye.»
Mu giheburayo havuga ngo «nimweze.»
Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»
Canke «ubuzima bwanyu buca busubirira ubwiwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «abirutsi.»
Canke «n’indani ahantu heranda.» Mu giheburayo havuga ngo «no mu gisagara.» Aho hantu hashobora kuba hari hubatswe mu buryo bukomeye.
Canke «inkingi nyeranda z’amabuye.» Raba Insiguro y’amajambo (Inkingi nyeranda y’ibuye).
Ni ukuvuga gushika ku mwana avyarwa n’umwuzukuruza.
Canke «kuza aragabanya akarere ka Isirayeli.»
Canke «umwonga.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto rwose rw’ubwami.»
Mu giheburayo havuga ngo «yiba.»
Mu giheburayo havuga ngo «bari Abakariya.»
Mu giheburayo havuga ngo «no mu birutsi.»
Canke «ikirimba.»
Canke «urusengero.»
Mu giheburayo havuga ngo «igihe asohotse n’igihe yinjiye.»
Mu giheburayo havuga ngo «amushirako na ca cabona.»
Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Mu giheburayo havuga ngo «uwumukurikira.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku nzu y’umwami.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku nzu.»
Mu giheburayo havuga ngo «Abakariya.»
Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.» Raba Insiguro y’amajambo (Ibibanza bitaramutse).
Canke «y’amashikanwa.»
Canke «amahera atangwa hisunzwe agaciro k’umuntu.»
Canke «abikuye ku mutima.»
Canke «n’abo bazinanye.»
Canke «ahari imigaga hose.»
Canke «gutekera mu masaho.» Mu giheburayo havuga ngo «kuboha.»
Ni ukuvuga abubakisha amabuye canke amatafari.
Ni utuntu bakoresha mu kuzimya urutambi.
Mu giheburayo havuga ngo «Hazayeli arabisha mu maso hiwe i Yeruzalemu ngo ahatere.»
Canke «amashikanwa.»
Canke «bari barejeje.»
Canke «ikirimba.»
Canke «i Beti-Milo.»
Bisobanura ko basubiye kuba mu mahoro no mu mutekano.
Mu giheburayo havuga ngo «yakigendeyemwo.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Mu giheburayo havuga ngo «yabigendeyemwo.»
Ni Yerobowamu wa kabiri.
Yehowasi ashobora kuba yariko asaba gutabarwa n’Imana canke abayiserukira.
Canke «w’ubukiriro.»
Canke «wo kubakiza.»
Mu giheburayo havuga ngo «umwaka uje.» Hashobora kuba hari mu kwezi kw’Abisirayeli kwitwa Abibu (Nisani). Raba Inyongera ya B15.
Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»
Canke «ingo duhangane.»
Canke «ku kirimba iwawe.»
Mu giheburayo havuga ngo «mw’ihema ryiwe.»
Ni nk’imetero 178. Raba Inyongera ya B14.
Canke «ikirimba.»
Ni Yerobowamu wa kabiri.
Iryo zina risobanura ngo «Yehova yaratabaye.» Yitwa Uziya mu 2Bm 15:13; 2Ng 26:1-23; Yes 6:1; no muri Zk 14:5.
Ni ukuvuga se Amaziya.
Canke «ku bwinjiriro bwa Hamati.»
Ni ikiyaga c’Umunyu.
Mu giheburayo havuga ngo «n’ingene Damasiko na Hamati yabisubije Ubuyuda muri Isirayeli.»
Iryo zina risobanura ngo «Yehova yaratabaye.» Yitwa Uziya mu 2Bm 15:13; 2Ng 26:1-23; Yes 6:1; no muri Zk 14:5.
Ni Yerobowamu wa kabiri.
Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»
Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»
Ni ukuvuga gushika ku mwana avyarwa n’umwuzukuruza.
Canke «afomoza abagore.»
Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.
Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo havuga ngo «n’umuhungu wiwe amucisha mu muriro.»
Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»
Yakoresheje iyo mvugo kugira yerekane icubahiro.
Canke «ikirimba.»
Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»
Iryo zina risobanura ngo «Yehova arakomeza.»
Canke «ikibuguro.» Raba Insiguro y’amajambo (Ikibuguro).
Mu giheburayo havuga ngo «gutinya.»
Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»
Ni ukuvuga ahantu hose, haba ari ahantu haba abantu bake canke benshi.
Raba Insiguro y’amajambo.
Mu giheburayo havuga ngo «bakorera.»
Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»
Mu giheburayo havuga ngo «badadaza izosi ryabo nk’izosi rya ba se.»
Canke «mu cuma bashongesheje.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Izo ngabo ni izuba, ukwezi, inyenyeri n’ibindi bisyo vyo mu kirere.
Mu giheburayo havuga ngo «baracishije mu murimo abahungu babo n’abakobwa babo.»
Canke «barondera ibimenyetso bibafasha kumenya kazoza.»
Mu giheburayo havuga ngo «barigurishije ngo bakore.»
Canke «ntibasenga.»
Canke «ntibazi imigenzo y’idini Imana yaho yemera.»
Mu giheburayo havuga ngo «gutinya.»
Canke «bakurikije imigenzo y’idini.»
Canke «baracakurikiza imigenzo y’idini bahoramwo.»
Mu giheburayo havuga ngo «atinya.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Mu giheburayo havuga ngo «muzikorere.»
Mu giheburayo havuga ngo «kuramvuye.»
Canke «bakurikiza imigenzo y’idini bahoramwo.»
Mu giheburayo havuga ngo «bagakorera.»
Ni izina «Abiya» rivunaguye.
Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «yahora yitwa Nehushitani.»
Canke «ubwenge.»
Ni ukuvuga ahantu hose, haba ari ahantu haba abantu bake canke benshi.
Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.
Canke «ikirimba.»
Mu giheburayo havuga ngo «acacura.»
Canke «umukuru w’ingabo.»
Canke «umwishikira mukuru wo ku kirimba.»
Canke «umukuru w’abahereza ibinyobwa umwami.»
Canke «ivyo mu rugo rw’umwami.»
Canke «upinge», «uhige.»
Canke «mu gisiriya.»
Ni ukuvuga igiheburayo.
Canke «ivyo mu rugo rw’umwami.»
Canke «ivyo mu rugo rw’umwami.»
Canke «gutukwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «kandi abahungu bageze ku munwa w’igitereko.»
Mu giheburayo havuga ngo «impwemu.»
Mu giheburayo havuga ngo «arigaranzura.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «hagati.»
Mu giheburayo havuga ngo «wahinguye.»
«Umukobwa wa Siyoni» ni amajambo ndyoshamvugo kenshi asigura igisagara ca Yeruzalemu canke abakibamwo.
Umuberoshi ni igiti gishaka kumera nk’akajwari. Mu gifaransa bacita genévrier.
Canke «imigende y’uruzi Nili.»
Mu giheburayo havuga ngo «nabikoze.»
Canke «nabitunganije.»
Canke «ku gisenge.»
Canke «imijiginya.» Ni imigozi bambika ifarasi kugira bayiyobore. Iyo migozi iba iboheye ku kuma bacisha mu kanwa k’ifarasi.
Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu.»
Mu giheburayo havuga ngo «nuhe amategeko urugo rwawe.»
Mu giheburayo havuga ngo «nagendeye imbere yawe.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku musi ugira gatatu.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku musi ugira gatatu.»
Izo ngazi bashobora kuba barazirabirako aho amasaha ageze, bafatiye ku gitutu.
Canke «yumviriza.»
Canke «amavuta yo gusomora.» Raba Insiguro y’amajambo (Amavuta yo gusomora).
Canke «ku kirimba iwe.»
Canke «ukuri.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu misi yanje.»
Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Izo ngabo ni izuba, ukwezi, inyenyeri n’ibindi bisyo vyo mu kirere.
Mu giheburayo havuga ngo «akazikorera.»
Mu giheburayo havuga ngo «yaracishije mu muriro umuhungu wiwe.»
Canke «arondera ibimenyetso bimufasha kumenya kazoza.»
Raba Insiguro y’amajambo (Uwuhanuza abapfuye).
Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»
Canke «karisho.» Wari umugozi uriko akantu karemereye kenena, bakoresha mu gupima amahagarara.
Mu giheburayo havuga ngo «intoranwa yanje.»
Mu giheburayo havuga ngo «agakorera.»
Mu giheburayo havuga ngo «ntiyagendera mu nzira ya Yehova.»
Mu giheburayo havuga ngo «agendera mu nzira zose za sekuruza Dawidi.»
Canke «aho inzu ya Yehova yase imigaga.»
Canke «abahinguzi b’utugenegene.»
Ni ukuvuga abubakisha amabuye canke amatafari.
Mu giheburayo havuga ngo «bacuranuye.»
Biboneka ko yari ajejwe ivyambarwa vy’abaherezi canke vy’umwami.
Mu giheburayo havuga ngo «umutima wawe uca uroroha.»
Mu giheburayo havuga ngo «nzokwegeranya uhamvye ba sogokuruza.»
Canke «asubira gusezeranira.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Izo ngabo ni izuba, ukwezi, inyenyeri n’ibindi bisyo vyo mu kirere.
Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»
Canke «abagabo baryamana n’abandi bagabo.»
Mu giheburayo havuga ngo «abamaraya b’abagabo bo ku rusengero.» Raba Insiguro y’amajambo (Umumaraya).
Raba Insiguro y’amajambo (Gehena).
Mu giheburayo havuga ngo «gucisha umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe mu muriro ku bwa Moleki.»
Mu giheburayo havuga ngo «barahaye.»
Canke «mu buriro.»
Amazu menshi yari afise igisenge gishashe. Bahakorera ibikorwa bitandukanye.
Ni icumba ciwe co hejuru.
Mu giheburayo havuga ngo «iburyo.» Ni iburyo bw’umuntu ahagaze araba mu buseruko.
Ni umusozi w’Imyelayo na canecane mu ruhande rwawo rwo mu bumanuko, aho bita kandi umusozi w’Icaha.
Raba Insiguro y’amajambo.
Mu giheburayo havuga ngo «ashikanira.»
Raba Insiguro y’amajambo (Uwuhanuza abapfuye).
Mu giheburayo ni «terafimu.» Raba Insiguro y’amajambo (Terafimu).
Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»
Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo havuga ngo «ifeza.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «abaganwa.»
Canke «ku kirimba.»
Canke «abaganwa.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «hamwe n’abubatsi b’ibihome bikingira igisagara.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «be n’abubatsi b’ibihome bikingira igisagara.»
Canke «ikirimba.»
Ni utuntu bakoresha mu kuzimya urutambi.
Yari intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Intambwe imwe yangana na santimetero 44,5. Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo havuga ngo «mu rubuto rw’ubwami.»
Mu giheburayo havuga ngo «aduza umutwe wa Yehoyakini.»
Mu giheburayo havuga ngo «intebe y’ubwami.»