ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • nwt 1 Abami 1:1-22:53
  • 1 Abami

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 1 Abami
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
1 Abami

IGITABU CA MBERE C’ABAMI

1 Umwami Dawidi yari ashaje+, ageze mu zabukuru. Bari basigaye bamupfuka impuzu mugabo ntasusuruke. 2 Abasuku biwe bamubwira rero bati: «Twemerere mwami, tukuronderere umwigeme w’isugi azoza aragukorera yongere akwitwararike. Azoza aragupfumbatira mwami, kugira ususuruke.» 3 Nuko barondera umukobwa mwiza mu karere kose ka Isirayeli, baronka Abishagi+ w’i Shunemu+. Baraheza bamuzanira umwami. 4 Uwo mukobwa yari mwiza bihebuje. Atangura rero gukorera umwami no kumwitwararika. Mugabo umwami ntiyarangurana na we amabanga y’abubatse.

5 Aho hose Adoniya+ mwene Hagiti yaguma yiyemera avuga ati: «Ni je ngiye kuba umwami!» Nuko akoresha umukogote agenderamwo, arondera n’abagendera ku mafarasi be n’abagabo 50 baza bariruka imbere yiwe+. 6 Mugabo se ntiyigeze amuhambarira* ngo amubaze ati: «Ivyo ukora ni ibiki?» Adoniya kandi yari mwiza cane. Yavutse inyuma ya Abusalomu. 7 Maze Adoniya avugana na Yowabu mwene Zeruwiya be n’umuherezi Abiyatari+, bemera kumufasha no kumushigikira+. 8 Mugabo umuherezi Sadoki+ na Benaya+ mwene Yehoyada n’umuhanuzi Natani+ na Shimeyi+ na Reyi n’abarwanyi b’intwari ba Dawidi+, ntibashigikiye Adoniya.

9 Mu nyuma Adoniya atanga ibimazi+ vy’intama n’inka n’ibitungwa binuze, abitangira iruhande y’ibuye rya Zoheleti ryari hafi y’i Eni-Rogeli. Atumira benewabo bose, ni ukuvuga abahungu b’umwami, atumira n’abagabo bose bo mu Buyuda bakorera umwami. 10 Mugabo ntiyatumira umuhanuzi Natani na Benaya n’abarwanyi b’intwari na mwenewabo Salomo. 11 Natani+ aca abwira Batisheba+ nyina wa Salomo+ ati: «Mbega wamenye ko Adoniya+ mwene Hagiti yabaye umwami? Kandi databuja Dawidi nta co abiziko. 12 Ndagusavye rero wumvirize impanuro ngira ndaguhe kugira ukize ubuzima bwawe n’ubw’umuhungu wawe Salomo+. 13 Genda urabe umwami Dawidi, umubwire uti: “Mwami wanje, databuja, ni wewe ubwawe wandahiye yuko umuhungu wanje Salomo ari we azoganza mu kibanza cawe, akicara ku ntebe yawe y’ubwami+. Kubera iki none Adoniya ari we yabaye umwami?” 14 Ukiriko uravugana n’umwami, nanje nca nza nemeze ivyo uvuze.»

15 Nuko Batisheba aja kuraba umwami mu cumba yararamwo. Umwami yari ashaje cane kandi Abishagi+ w’i Shunemu ni we yamwitwararika. 16 Maze Batisheba yunamira umwami, ashika hasi. Umwami aca amubaza ati: «Wipfuza iki?» 17 Yishura ati: «Databuja, ni wewe ubwawe wandahiye mw’izina rya Yehova Imana yawe yuko umuhungu wanje Salomo ari we azoganza mu kibanza cawe, akicara ku ntebe yawe y’ubwami+. 18 None raba Adoniya ni we yabaye umwami, kandi nta co ubiziko mwami wanje+. 19 Yatanze ibimazi vyinshi cane vy’impfizi n’ibitungwa binuze n’intama. Yatumiye abahungu bose b’umwami n’umuherezi Abiyatari na Yowabu umukuru w’ingabo+. Ariko umusuku wawe Salomo ntiyamutumiye+. 20 None rero mwami wanje, ni wewe Abisirayeli bose bahanze amaso ngo ubabwire uwugiye kugusubirira, akicara ku ntebe y’ubwami. 21 Nutabigira, jewe n’umuhungu wanje Salomo tuzofatwa nk’abansi niwamara gupfa*.»

22 Batisheba akiriko aravugana n’umwami, umuhanuzi Natani na we aca arashika+. 23 Baca bamenyesha umwami ko umuhanuzi Natani aje kumuraba. Natani yinjiye aca yunamira umwami, mu maso hiwe hashika hasi. 24 Maze avuga ati: «Mwami wanje, databuja, mbega ni wewe wavuze ko Adoniya ari we azoganza mu kibanza cawe, akicara ku ntebe yawe y’ubwami+? 25 Erega uyu musi yamanutse gutanga ibimazi+ vyinshi cane vy’impfizi n’ibitungwa binuze n’intama. Kandi yatumiye abahungu bose b’umwami n’abakuru b’ingabo n’umuherezi Abiyatari+. Bariko bararya bongera banywa bari kumwe na Adoniya, bakaguma bavuga ngo: “Umwami Adoniya nahangame!” 26 Mugabo jewe umusuku wawe n’umuherezi Sadoki na Benaya+ mwene Yehoyada n’umusuku wawe Salomo, ntiyadutumiye. 27 Mwami wanje, databuja, yoba ari wewe wemeye ko ico kintu gikorwa utambwiye jewe umusuku wawe, ngo menye uwuzogusubirira ku ntebe y’ubwami?»

28 Umwami Dawidi aca avuga ati: «Nimumpamagarire Batisheba.» Batisheba aca araza, ahagarara imbere y’umwami. 29 Nuko umwami ararahira ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, we yankijije* mu marushwa yose+, 30 yuko uyu musi ngomba nkore ivyo nakurahiye mw’izina rya Yehova Imana ya Isirayeli, igihe navuga nti: “Umuhungu wawe Salomo ni we azoganza mu kibanza canje, yicare ku ntebe yanje y’ubwami.”» 31 Batisheba aca yunamira umwami, mu maso hiwe hashika hasi. Maze avuga ati: «Uragahoraho mwami wanje Dawidi!»

32 Ubwo nyene umwami Dawidi aca avuga ati: «Nimumpamagarire umuherezi Sadoki n’umuhanuzi Natani na Benaya+ mwene Yehoyada+.» Nuko barenguka imbere y’umwami. 33 Umwami ababwira ati: «Nimujane n’abarinzi* b’umwami, mwurize umuhungu wanje Salomo ku ndogobwa* yanje+ bwite, muheze mumumanukane i Gihoni+. 34 Mugezeyo umuherezi Sadoki n’umuhanuzi Natani bace bamurobanuza amavuta*+, abe umwami wa Isirayeli. Muce muvuza inzamba maze muvuge muti: “Umwami Salomo nahangame+!” 35 Muce mugarukana na we maze yicare ku ntebe yanje y’ubwami, atangure kuganza mu kibanza canje. Nca ndamugira indongozi ya Isirayeli n’Ubuyuda.» 36 Benaya mwene Yehoyada aca abwira umwami ati: «Amen! Yehova Imana y’umwami wanje na we nyene nabishigikire. 37 Yehova abane na Salomo+ nk’uko nyene yabanye nawe mwami wanje, atume intwaro yiwe ikomera kuruta iy’umwami wanje Dawidi+.»

38 Nuko umuherezi Sadoki n’umuhanuzi Natani na Benaya+ mwene Yehoyada n’Abakereti n’Abapeleti*+ buriza Salomo ku ndogobwa y’umwami Dawidi+ hanyuma bamumanukana i Gihoni+. 39 Umuherezi Sadoki atora rero ihembe ry’amavuta+ ryari mw’ihema*+, araheza ayarobanuza Salomo+. Batangura kuvuza inzamba, maze abantu bose basemerera bati: «Umwami Salomo nahangame!» 40 Inyuma y’ivyo, abantu bose baduga bamukurikiye, bavuza imyironge n’akanyamuneza kenshi, ku buryo isi yata imigaga kubera urwamo rwabo+.

41 Adoniya n’abatumire biwe bose barangije kurya+, baza bumva nya rwamo. Yowabu akimara kwumva inzamba, avuga ati: «Habaye iki ko numva urwamo rwinshi mu gisagara?» 42 Akiriko aravuga, Yonatani+ mwene Abiyatari umuherezi arashika. Maze Adoniya amubwira ati: «Shika shika wewe uri umuntu mwiza*, kandi utegerezwa kuba uzanye inkuru nziza.» 43 Mugabo Yonatani yishura Adoniya ati: «Eka si inkuru nziza. Umwami wacu Dawidi yimitse Salomo ngo abe ari we aba umwami. 44 Umwami yatumye umuherezi Sadoki n’umuhanuzi Natani na Benaya mwene Yehoyada n’Abakereti n’Abapeleti, buriza Salomo ku ndogobwa y’umwami+. 45 Umuherezi Sadoki n’umuhanuzi Natani baca bamurobanuza amavuta i Gihoni aba umwami, maze bagaruka banezerewe. Abantu bariko barigina mu gisagara. Urwo ni rwo rwamo mwumvise. 46 Vyongeye, Salomo yicaye ku ntebe y’ubwami. 47 N’ikindi kandi, abantu b’umwami baje gukeza umwami wacu Dawidi bamubwira bati: “Imana yawe itume izina rya Salomo ryamamara cane kuruta iryawe kandi itume intwaro ya Salomo ikomera kuruta iyawe.” Umwami aca yunamira Imana ari ku gitanda. 48 Umwami yavuze kandi ati: “Yehova Imana ya Isirayeli nashemezwe kubona uyu musi atumye haboneka uwicara ku ntebe yanje y’ubwami, amaso yanje akavyibonera.”»

49 Abatumire bose ba Adoniya bagira ubwoba bwinshi, maze barahaguruka umwe wese ajana inzira yiwe. 50 Adoniya na we nyene agira ubwoba kubera Salomo. Aca ava ng’aho aragenda, aja gufata amahembe y’igicaniro+. 51 Maze bamenyesha Salomo bati: «Adoniya yagize ubwoba kubera wewe mwami Salomo, aca aja gufata amahembe y’igicaniro. Aguma avuga ati: “Simva aha. Umwami Salomo nabanze andahire ko atanyicisha inkota jewe umusuku wiwe.”» 52 Salomo aca avuga ati: «Niyigenza neza nta n’umwe azomurya urwara*. Mugabo niyakora nabi+ azoca yicwa.» 53 Umwami Salomo aca atuma abaja kumukura kuri nya gicaniro. Adoniya araza yunamira umwami Salomo, maze Salomo amubwira ati: «Niwitahire iwawe.»

2 Dawidi ari hafi gupfa, abwira umuhungu wiwe Salomo ivyo azokora ati: 2 «Ndi mu gupfa*. Nukomere+ rero kandi ube umugabo+. 3 Uze ushitse ivyo Yehova Imana yawe agusaba: uze ugendere mu nzira ziwe, ugamburuke ivyagezwe vyiwe, amabwirizwa yiwe, ingingo yashinze n’ivyibutswa vyiwe, nk’uko vyanditswe mu mategeko ya Musa+. Uzoheza uroranirwe* mu vyo uzokora vyose n’aho uzoja hose. 4 Yehova azoshitsa ivyo yansezeraniye. Yavuze ati: “Abana bawe nibaguma bigenza neza, bakagendera mu nzira zanje badahemuka, bakabigira n’umutima wabo wose n’ubuzima bwabo bwose+, mu muryango wawe ntihazokwigera habura uwicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+.”

5 Urazi neza kandi ivyo Yowabu mwene Zeruwiya yankoreye mu kwica abakuru b’ingabo za Isirayeli babiri, Abuneri+ mwene Neri na Amasa+ mwene Yeteri. Yabishe ata ntambara iriho, asesa amaraso+ mu gihe c’amahoro, atarukiriza amaraso y’intambara ku mukaba yari akenyeye no ku birato* yari yambaye. 6 Uze ukoreshe ubukerebutsi bwawe ntumureke ngo amanuke mu kuzimu amahoro, yisaziye*+.

7 Mugabo bene Baruzilayi+ Umunyagileyadi, uze ubagirire neza*. Baze bame bafungurira ku meza yawe, kuko banserutseko+ igihe nahunga mwenewanyu Abusalomu+.

8 Ariko mu micungararo, hari na Shimeyi mwene Gera Umubenyamini w’i Bahurimu. Yaramvumye bimwe bibi+ igihe nariko nja i Mahanayimu+. Mugabo igihe yaza kunsanganira kuri Yorodani, naramurahiye mw’izina rya Yehova ko ntazomwica+. 9 Wewe rero ntuze ubure kumuhana+. Uri umuntu w’inkerebutsi, urazi ico ukwiye kumukorera. Ntuze umureke ngo apfe nk’abandi, yisaziye*+.»

10 Maze Dawidi arapfa*, bamuhamba mu gisagara ca Dawidi+. 11 Dawidi yamaze imyaka 40 aganza Isirayeli. Imyaka 7 yayimaze i Heburoni+, 33 na yo i Yeruzalemu+.

12 Salomo araheza yicara ku ntebe y’ubwami ya se Dawidi maze ubutegetsi bwiwe bugenda burarushiriza gukomera+.

13 Mu nyuma, Adoniya mwene Hagiti aza kwa Batisheba nyina wa Salomo. Batisheba amubaza ati: «Ugenzwa n’amahoro?» Na we ati: «Ni amahoro.» 14 Yongerako ati: «Hari ico nipfuza kukubwira.» Batisheba ati: «Mbwira.» 15 Adoniya abandanya ati: «Urazi neza yuko ari jewe nari kuganza kandi n’Abisirayeli bose bari biteze ko ari jewe mba umwami*+. Mugabo ubwami bwanciye mu myanya y’intoke buhabwa mwenewacu, kuko Yehova ari we yabishatse+. 16 Ariko rero hari ikintu kimwe nipfuza kugusaba kandi ntukinyankire.» Batisheba amubwira ati: «Mbarira.» 17 Aca avuga ati: «Ndagusavye umbwirire umwami Salomo ampe Abishagi+ w’i Shunemu ambere umugore, kuko wewe atobikwankira.» 18 Batisheba aca avuga ati: «Nta ngorane, ndakubwirira umwami.»

19 Batisheba rero aja kuraba umwami Salomo kugira amubwire ivyo Adoniya yamutumye. Umwami aca aja kumusanganira aramwunamira. Maze umwami yicara ku ntebe yiwe y’ubwami, atumako n’intebe y’icubahiro ya nyina kugira yicare iburyo bwiwe. 20 Batisheba aca avuga ati: «Hari akantu nagira ndakwisabire kandi ntukanyankire.» Umwami aca amubwira ati: «Kambwire mawe sinokakwankira.» 21 Nyina avuga ati: «Niwemere mwenewanyu Adoniya atware Abishagi w’i Shunemu, amubere umugore.» 22 Umwami Salomo aca yishura nyina ati: «Kubera iki Adoniya umusabira gusa Abishagi w’i Shunemu? Musabire n’ubwami+ kuko ari mukurwanje+ kandi akaba ashigikiwe n’umuherezi Abiyatari na Yowabu+ mwene Zeruwiya+.»

23 Umwami Salomo aca arahira mw’izina rya Yehova ati: «Imana izobimpanire bimwe bikomeye, Adoniya natapfa kubera ico kintu asavye. 24 Ndakurahiye Yehova Imana nzima, we yankomeje+ akanshira ku ntebe y’ubwami ya dawe Dawidi, akampa n’umuryango uzokomokamwo abami*+ nk’uko yabisezeranye, Adoniya ntagenda adapfuye+ uyu musi.» 25 Ubwo nyene umwami Salomo arungika Benaya+ mwene Yehoyada, aca aragenda yica Adoniya*.

26 Hanyuma umwami abwira umuherezi Abiyatari+ ati: «Genda i Anatoti+ mu matongo yawe. Wari ukwiye gupfa. Ariko uyu musi sindakwica kubera ko dawe Dawidi+ akiriho warerura isandugu y’Umukama Segaba Yehova, no kubera ko mwagoranywe na dawe+.» 27 Salomo rero akura Abiyatari mw’ibanga ryo kuba umuherezi wa Yehova, aba ashikije ivyo Yehova yavugiye i Shilo+ ku bijanye n’umuryango* wa Eli+.

28 Yowabu yumvise ayo makuru, aca ahungira kw’ihema rya Yehova+, afata amahembe y’igicaniro. Ivyo yabigize kubera ko yashigikiye Adoniya+. Ariko ntiyari yarashigikiye Abusalomu+. 29 Maze bamenyesha umwami Salomo bati: «Yowabu yahungiye kw’ihema rya Yehova, aguma iruhande y’igicaniro.» Salomo aca atuma Benaya mwene Yehoyada ati: «Genda umwice.» 30 Nuko Benaya aja kw’ihema rya Yehova, abwira Yowabu ati: «Umwami avuze ngo uve ng’aho!» Mugabo Yowabu amwishura ati: «Oya munyicira aha.» Benaya aca aja kubwira umwami ivyo Yowabu yamwishuye. 31 Umwami aca amubwira ati: «Kora ivyo avuze. Mwice uheze umuhambe. Twe n’umuryango wa dawe uzoba udukuyeko amaraso Yowabu yasheshe ata mvo+. 32 Yehova agira agarukane ku gatwe kiwe amaraso yasheshe, kuko yicishije inkota abagabo babiri b’intungane* kumurusha kandi bameze neza kumurusha. Yishe Abuneri+ mwene Neri umukuru w’ingabo za Isirayeli+, yica na Amasa+ mwene Yeteri umukuru w’ingabo z’Ubuyuda+. Yabishe dawe Dawidi atabizi. 33 Amaraso yabo azoguma ku gatwe ka Yowabu no ku gatwe k’uruvyaro rwiwe*+. Mugabo kuri Dawidi n’uruvyaro rwiwe* n’umuryango wiwe n’ubwami bwiwe*, haze hame amahoro ava kuri Yehova.» 34 Maze Benaya mwene Yehoyada aragenda yica Yowabu. Baraheza bamuhamba iwe mu bugaragwa*. 35 Umwami aca agena Benaya+ mwene Yehoyada ngo abe umukuru w’ingabo mu kibanza ca Yowabu, umuherezi Sadoki+ na we amugena mu kibanza ca Abiyatari.

36 Maze umwami atumako Shimeyi+, amubwira ati: «Ubaka inzu i Yeruzalemu uyibemwo. Ntuze uve mu gisagara ngo hagire ahandi uja. 37 Umusi wahirahiye ukava mu gisagara ukajabuka umwonga Kidironi+, umenye neza ko uzoba upfuye. Amaraso yawe azoja ku gatwe kawe.» 38 Shimeyi aca yishura umwami ati: «Iyo ngingo ufashe ni nziza. Jewe umusuku wawe nzokwubahiriza ivyo uvuze, mwami.» Nuko Shimeyi amara imisi myinshi aba i Yeruzalemu.

39 Ariko haheze imyaka itatu, abashumba babiri ba Shimeyi baratoroka, baja kwa Akishi+ mwene Mayaka akaba n’umwami w’i Gati. Shimeyi bamubwira bati: «Abashumba bawe bari i Gati.» 40 Shimeyi aca ategura indogobwa agenderako, maze aja i Gati kwa Akishi kurondera abashumba biwe. Agarutse ari kumwe n’abashumba biwe, 41 Salomo bamumenyesha ko Shimeyi yavuye i Yeruzalemu akaja i Gati akongera akagaruka. 42 Umwami aca atumako Shimeyi, amubwira ati: «Sinakurahije mw’izina rya Yehova, nkakugabisha ko umusi wahirahiye ukava mu gisagara ukaja ahandi uzoba upfuye? Ntiwaciye uvuga ngo: “Iyo ngingo ufashe ni nziza, nzoyubahiriza+”? 43 Kubera iki none utubahirije indahiro warahiye imbere ya Yehova n’ivyo nagutegetse?» 44 Umwami aca abwira Shimeyi ati: «Urazi neza mu mutima wawe ikibi wakoreye dawe Dawidi+. Yehova agira asubize ku gatwe kawe ico kibi wakoze+. 45 Mugabo jewe umwami Salomo, Yehova azompezagira+ atume n’intebe y’ubwami ya Dawidi ihangama ibihe vyose.» 46 Umwami aca ategeka Benaya mwene Yehoyada kuja kwica Shimeyi. Benaya aca aragenda aramwica+.

Ubwami bwa Salomo buraheza burakomera+.

3 Salomo yunga ubucuti na Farawo umwami wa Misiri mu kwabira* umukobwa wiwe+. Araheza amuzana mu gisagara ca Dawidi+ gushika arangije kwubaka inzu yiwe+ n’inzu ya Yehova+ n’uruzitiro rwa Yeruzalemu+. 2 Ariko abantu bari bagishikana ibimazi mu bibanza basengeramwo*+, kuko ico gihe inzu yitirirwa izina rya Yehova itari bwubakwe+. 3 Salomo abandanya gukunda Yehova, akavyerekana mu kugendera amabwirizwa se Dawidi yamusigiye. Ariko yari agikoresha ibibanza vyo gusengeramwo, akahashikanira ibimazi+ bigafumba umwotsi.

4 Umwami Salomo aja i Gibeyoni gutangayo ibimazi, kuko ari ho hari ikibanza co gusengeramwo+ gihambaye cane. Ashikana ibimazi biturirwa 1.000 ku gicaniro cari muri ico kibanza+. 5 Mw’ijoro, Yehova abonekera Salomo mu ndoto aho i Gibeyoni. Imana imubwira iti: «Saba ico ugomba ko ndaguha+.» 6 Salomo aca yishura ati: «Umusavyi wawe dawe Dawidi wamweretse urukundo* rwinshi, kuko yagendeye imbere yawe ari umwizigirwa, ari intungane*, afise n’umutima ugororotse. Gushika n’uyu musi wagumye wereka dawe urwo rukundo rwinshi, kuko wamuhaye umuhungu azoganza mu kibanza ciwe+. 7 None raba Yehova Mana yanje, jewe umusavyi wawe wangize umwami asubirira dawe Dawidi kandi nkiri muto*, ntaramenya utuntu n’utundi*+. 8 Jewe umusavyi wawe ntwara abantu bawe watoye+, bakaba ari abantu benshi cane badaharurika. 9 Ndagusavye rero umpe umutima ugamburuka kugira ngo nshobore gucira imanza abantu bawe+, ngo menye gutandukanya ikibi n’iciza+. Ahandiho sinoshobora gucira imanza iri sinzi ry’abantu* bawe.»

10 Ico kintu Salomo asavye gihimbara Yehova+. 11 Imana ica imubwira iti: «Kubera yuko utisabiye kuramba* canke ubutunzi canke agatwe* k’abansi bawe, ariko ukisabira ubushobozi bwo gutegera kugira ngo uce neza* imanza+, 12 nzoguha ivyo usavye+. Nzoguha ubukerebutsi n’ugutegera*+ ku buryo hatazokwigera haboneka uwumeze nkawe, nk’uko nyene ata wigeze aboneka imbere yawe+. 13 Nzoguha n’ivyo utasavye+. Nzoguha ubutunzi n’icubahiro*+, ku buryo ata wundi mwami ameze nkawe azopfa abonetse igihe cose uzoba ukiriho*+. 14 Kandi niwagendera mu nzira zanje, ugakurikiza amategeko yanje n’amabwirizwa yanje nka so Dawidi+, nzoguha no kuramba*+.»

15 Salomo yikanguye, asanga yariko ararota. Aca aja i Yeruzalemu, ahagarara imbere y’isandugu y’isezerano rya Yehova, ashikana ibimazi biturirwa n’amashikanwa yo gusangira+. Araheza atereka inzimano abasuku biwe bose.

16 Mu nyuma, abagore babiri b’abamaraya baza kuraba umwami, bahagarara imbere yiwe. 17 Umwe muri bo avuga ati: «Databuja, twe n’uyu mugore tuba mu nzu imwe. Ni ho yari ari igihe nibaruka. 18 Ku musi ugira gatatu na we aca aribaruka. Nta wundi twari kumwe mu nzu kiretse twebwe babiri. 19 Mw’ijoro, uyu mugore asinziriye, yaryamye ku mwana wiwe, arapfa. 20 Aca ahengera mu gicugu, aza aho ndyamye jewe umusukukazi wawe, atora umwana wanje. Hanyuma afata umwana wiwe yapfuye amuryamika mu gikiriza canje, uwanje na we amuryamika mu gikiriza ciwe. 21 Mu gitondo mvyutse kwonsa umwana wanje, nsanga yapfuye. Nuko ndamwihweza neza, nsanga si wa wundi nari navyaye.» 22 Mugabo uwundi mugore avuga ati: «Oya, umwana wanje ni uyu akiriho, uwawe ni urya yapfuye.» Mugabo umwe wundi yaguma avuga ati: «Oya, uwawe ni urya yapfuye, uwanje ni uyu akiriho.» Ukwo ni ko baguma baharira imbere y’umwami.

23 Vyakabaye kera, umwami avuga ati: «Umwe avuga ngo “uyu akiriho ni rwanje, rwawe ni urya yapfuye.” Uwundi ngo “oya, uwapfuye ni rwawe, rwanje ni uyu akiriho.”» 24 Umwami yongerako ati: «Nimunzanire inkota.» Baca barayimuzanira. 25 Nuko umwami avuga ati: «Uyu mwana akiriho nimumucemwo kubiri, umugore umwe mumuhe igihimba kimwe, uwundi mumuhe ikindi.» 26 Nyina w’uyo mwana akiriho aca aterwa ikigumbagumba n’umwana wiwe, maze atakambira umwami ati: «Ndakwinginze databuja umuhe uwo mwana. Ni ukuri ntimumwice.» Wa mugore wundi na we akaguma avuga ngo: «Nibamucemwo kubiri, tumubure twese.» 27 Umwami ni kwo guca avuga ati: «Oya ntimumwice. Uwo mwana nimumuhe uyu mugore. Ni we nyina.»

28 Abisirayeli bose bumvise urwo rubanza umwami yaciye, baramwikugura*+ kuko babonye ko Imana yari yamuhaye ubukerebutsi kugira ace neza imanza+.

4 Umwami Salomo yaganza Isirayeli yose+. 2 Aba ni bo bari abakuru mu ntwaro*: Azariya mwene Sadoki+ yari umuherezi*, 3 Elihorefu na Ahiya bene Shisha bari abanyamabanga+, Yehoshafati+ mwene Ahiludi yari umwanditsi w’ivyaja biraba, 4 Benaya+ mwene Yehoyada yari umukuru w’ingabo, Sadoki na Abiyatari+ bari abaherezi, 5 Azariya mwene Natani+ yari umukuru w’abatware, Zabudi mwene Natani yari umuherezi akaba n’umugenzi w’umwami+, 6 Ahishari yari ahagarikiye ivyo ku kirimba, Adoniramu+ mwene Abuda na we yari ahagarikiye abahamagawe ngo bakorere umwami+.

7 Salomo yari afise abatware 12 muri Isirayeli yose baronsa umwami n’urugo rwiwe ibifungurwa. Umwe wese muri bo yari afise ukwezi kumwe mu mwaka abitangamwo+. 8 Abo batware ni aba: mwene Huru yatwara akarere k’imisozi ka Efurayimu. 9 Mwene Dekeri yatwara akarere k’i Makazi, i Shalubimu+, i Beti-Shemeshi n’i Eloni-Beti-Hanani. 10 Mwene Hesedi yakorera i Aruboti (agatwara ahitwa Soko n’akarere kose ka Heferi). 11 Mwene Abinadabu yatwara akarere kose k’imirambi y’i Dori (yarongoye umukobwa wa Salomo yitwa Tafati). 12 Bayana mwene Ahiludi yatwara i Tanaki, i Megido+ no mu karere kose ka Beti-Sheyani+ kari hafi y’i Saretani munsi y’i Yezireli. Ako karere kava i Beti-Sheyani kagashika i Abeli-Mehola no mu karere ka Yokimeyamu+. 13 Mwene Geberi yakorera i Ramoti-Gileyadi+ (agatwara ibigwati vy’amahema vya Yayiri+ mwene Manase biri mu karere ka Gileyadi+. Yatwara n’akarere ka Arugobu+ kari i Bashani+ kagizwe n’ibisagara bininibinini 60, bifise inzitiro n’amarembo ariko ivyugazo bikozwe mu mujumpu). 14 Ahinadabu mwene Ido yatwara i Mahanayimu+. 15 Ahimasi yatwara mu karere ka Nafutali (yarongoye umukobwa wa Salomo yitwa Basemati). 16 Bayana mwene Hushayi yatwara akarere ka Asheri n’i Beyaloti. 17 Yehoshafati mwene Paruwa yatwara akarere ka Isakari. 18 Shimeyi+ mwene Ela yatwara akarere ka Benyamini+. 19 Geberi mwene Uri yatwara akarere ka Gileyadi+ kahoze gatwarwa na Sihoni+ umwami w’Abamori na Ogi+ umwami w’i Bashani. Hariho n’umutware ahagarikiye abo batware bose bo mu gihugu.

20 Abo mu Buyuda no muri Isirayeli bari benshi nk’udutete tw’umusenyi uri ku nkengera y’ikiyaga+. Bari bafise ivyo bafungura n’ivyo banywa, kandi bari bahimbawe+.

21 Salomo yaganza ubwami bwose bwari mu karere kava kuri rwa ruzi runini*+, kagaca mu gihugu c’Abafilisitiya, kagashika ku rubibe rwa Misiri. Mu kiringo cose yamaze akiriho, abo muri ubwo bwami baramuzanira ikori* kandi bakamuyoboka+.

22 Buri musi, abo ku kirimba ca Salomo bafungura ingero 30 zitwa koro* z’ifu inoze n’ingero 60 zitwa koro z’ifu isanzwe*, 23 inka 10 zinuze bagabuririye mw’iraro, inka 20 zaja kurisha n’intama 100. Aho ntituvuze impongo n’ingeregere n’inzobe n’inyoni zinuze zitwa imikukwe. 24 Yaganza vyose mu karere kari hakuno ya rwa ruzi runini*+, kuva i Tifusa gushika i Gaza+, akaganza n’abami bose bo hakuno yarwo. Kandi mu gihugu cose no ku mbibe zaco zose harangwa amahoro+. 25 Abo mu Buyuda no muri Isirayeli bose, kuva i Dani gushika i Beri-Sheba, bari babayeho mu mutekano, umwe wese yibera munsi y’umuzabibu wiwe no munsi y’igiti ciwe c’umusukoni. Ukwo ni ko vyari mu kiringo cose Salomo yamaze aganza.

26 Salomo yari afise impongore 4.000* z’amafarasi akwega imikogote yiwe, akagira n’amafarasi* 12.000+.

27 Ba batware bararonsa ibifungurwa umwami Salomo n’abafungurira ku meza yiwe bose. Umwe wese yari afise ukwezi yahawe kwo gukora ico gikorwa kandi akaraba ko ata na kimwe kibuze+. 28 Aho hose vyaba bikenewe, barazana intete za sayiri* n’ubwatsi bigenewe amafarasi akwega imikogote be n’ayandi mafarasi. Umwe wese yaba afise urugero yashingiwe rw’ivyo yategerezwa kuzana.

29 Imana iha Salomo ubukerebutsi bwinshi cane n’ubushobozi budasanzwe bwo gutahura, imuha n’ubwenge bwinshi* nk’umusenyi uri ku nkengera y’ikiyaga+. 30 Salomo yari afise ubukerebutsi kuruta abantu bose bo mu buseruko n’Abanyamisiri bose+. 31 Yari afise ubukerebutsi kuruta uwundi muntu uwo ari we wese, kuruta na Etani+ mwene Zera hamwe na Hemani+, Kalikoli+ na Darida bene Maholi. Yaramenyekanye cane mu mahanga yose yari abakikuje+. 32 Yaciye* imigani 3.000+, indirimbo ziwe+ na zo zari 1.005. 33 Yari azi ibijanye n’ibiti, uhereye ku masederi y’i Libani ugashitsa ku gati ka ezobu+ kamera ku mpome. Yari azi n’ivyerekeye ibikoko binini+, inyoni*+, ivyikwega hasi*+ n’amafi. 34 Abantu bo mu mahanga yose baraza kwumviriza ubukerebutsi bwa Salomo. Haraza n’abami bo hirya no hino kw’isi bumvise ivyerekeye ubukerebutsi bwiwe+.

5 Hiramu umwami w’i Tiro+ yumvise ko Salomo ari we yarobanujwe amavuta* ngo aganze mu kibanza ca se, aca arungika abasuku biwe kwa Salomo. Mu bisanzwe, Hiramu yamye ari umugenzi wa Dawidi*+. 2 Salomo na we arungikira Hiramu ubutumwa+ bugira buti: 3 «Urazi neza yuko dawe Dawidi atashoboye kwubaka inzu yitirirwa izina rya Yehova Imana yiwe. Vyatumwe n’uko yarwanye intambara nyinshi n’abansi bamutera irya n’ino, gushika Yehova amufashije kubatsinda*+. 4 Mugabo ubu Yehova Imana yanje yampaye amahoro* impande zose+. Nta n’umwe ariko arandwanya kandi nta vyago biduhanze+. 5 Mfise rero umugambi wo kwubaka inzu yitirirwa izina rya Yehova Imana yanje. Ni vyo Yehova yasezeraniye dawe Dawidi ati: “Umuhungu wawe nzoshira ku ntebe yawe y’ubwami ngo agusubirire, ni we azokwubaka inzu yitirirwa izina ryanje+.” 6 Ndagusavye rero utegeke abantu bawe bancire amasederi y’i Libani+. Abakozi banje bazokorana n’abawe. Kandi abakozi bawe nzobahemba ivyo uzonsaba kuko uzi neza yuko ata n’umwe muri twebwe azi guca ibiti nk’Abanyasidoni+.»

7 Hiramu yumvise ivyo Salomo yavuze, aranezerwa cane. Avuga ati: «Yehova ashemezwe uyu musi, kuko yahaye Dawidi umuhungu w’inkerebutsi ngo aganze aba bantu benshi+!» 8 Nuko Hiramu arungikira Salomo ubutumwa bugira buti: «Ubutumwa wandungikiye bwaranshikiriye. Nzokuronsa ibiti vyose wipfuza vy’amasederi n’ivy’imiberoshi*+. 9 Abakozi banje bazobimanukana ku kiyaga babikuye i Libani. Nzoca ndabifatanya nk’amasaso, ndabirungike bireremba ku kiyaga gushika ahantu uzoba wambwiye. Bihashitse nzoca ndabitanya, uheze ubitware. Nawe uzoza urandungikira ibifungurwa vy’abo mu rugo rwanje+.»

10 Hiramu atangura rero kuza araha Salomo ibiti vyose vy’amasederi n’ivy’imiberoshi yipfuza. 11 Salomo na we yaza araha Hiramu ingero 20.000 zitwa koro* z’ingano zo kugaburira abo mu rugo rwiwe be n’ingero 20 zitwa koro z’amavuta y’imyelayo* meza cane*. Ivyo ni vyo Salomo yaha Hiramu buri mwaka+. 12 Yehova na we aha Salomo ubukerebutsi nk’uko nyene yari yarabimusezeraniye+. Hagati ya Hiramu na Salomo hari amahoro kandi baragiranye amasezerano.

13 Umwami Salomo atuma muri Isirayeli yose kurondera abaza gukora ibikorwa vy’umwami+, haboneka abagabo 30.000. 14 Buri kwezi yarungika i Libani umugwi w’abantu 10.000. Baca bamarayo ukwezi kumwe, yandi abiri bakayamara mu ngo zabo. Adoniramu+ ni we yari ahagarikiye abahamagariwe gukora ibikorwa vy’umwami. 15 Salomo yari afise abakozi 70.000 basanzwe* n’abandi 80.000 bajejwe kuringaniza amabuye+ mu misozi+. 16 Yari afise n’ivyariho+ 3.300 bijejwe guhagarikira abakozi. 17 Abo bakozi barimba amabuye maninimanini azimvye+ nk’uko umwami yari yabibategetse, maze bakayabaza. Ayo mabuye+ yari ayo kwubakisha umushinge+ w’inzu y’Imana. 18 Abubatsi ba Salomo n’aba Hiramu be n’Abagebali+ barabaza amabuye, bakayatunganya, bagatunganya n’ibiti kugira bazovyubakishe iyo nzu.

6 Mu mwaka ugira 480 inyuma y’aho Abisirayeli baviriye mu gihugu ca Misiri+, Salomo atangura kwubaka inzu ya Yehova*+. Hari mu mwaka ugira kane abaye umwami wa Isirayeli, mu kwezi kugira kabiri kwitwa Zivu*+. 2 Iyo nzu umwami Salomo yubakiye Yehova yari ifise uburebure bw’intambwe* 60, ubwaguke bw’intambwe 20, n’uburebure bw’amahagarara bw’intambwe 30*+. 3 Uburebure* bw’ibaraza+ ry’imbere y’urusengero* bwari intambwe 20, bukaba bwangana n’ubwaguke bw’iyo nzu*. Ubwaguke bw’iryo baraza na bwo bwari intambwe cumi uvuye ku bwinjiriro bw’iyo nzu.

4 Maze akorera iyo nzu amadirisha agenda araga*+. 5 Vyongeye, mu mbavu z’iyo nzu ahubaka inyubakwa ifatanye n’uruhome rwa nya nzu. Iyo nyubakwa yari ikikuje impome z’iyo nzu igizwe n’Aheranda* be n’Aheranda cane*+. Iyo nyubakwa yo mu mbavu Salomo ayicamwo ivyumba+. 6 Muri ivyo vyumba vyo mu mbavu, ico hasi cari gifise ubwaguke bw’intambwe zitanu, ico hagati kikagira ubwaguke bw’intambwe zitandatu, ico hejuru ya vyose na co kikagira ubwaguke bw’intambwe indwi. Salomo yari yagiye arasiga imyanya* ku mpome z’iyo nzu impande zose, kugira ngo ntihagire imbaho zinjira mu mpome+.

7 Iyo nzu yubakishijwe amabuye bacukuye maze barayatunganya+. Ni co gituma ata nyundo canke ishoka canke ikindi gikoresho c’icuma cumvikana muri iyo nzu igihe yariko irubakwa. 8 Ubwinjiriro bw’icumba co mu mbavu co hasi bwari ku ruhande rwo mu bumanuko* rw’iyo nzu+. Hariho n’ingazi zigenda zizunguruka umuntu yacako kugira aduge mu cumba co hagati, no kugira ave mu cumba co hagati aduge mu co hejuru. 9 Abandanya kwubaka iyo nzu arayirangiza+. Maze ayikorera igisenge kigizwe n’ibigiga vy’amasederi n’imbaho z’amasederi+ zitondetse ku murongo. 10 Ivyumba vyo mu mbavu yubatse irya n’ino y’iyo nzu+ vyari bifise amahagarara y’intambwe zitanu. Imbaho z’amasederi ni zo zabifatanya n’iyo nzu.

11 Muri ico gihe, Yehova abwira Salomo ati: 12 «Niwagendera mu vyagezwe vyanje, ugashitsa ingingo nashinze kandi ukubahiriza amabwirizwa yanje yose+, nanje rero nzokugirira ivyo nasezeraniye so Dawidi+ ku bijanye n’iyi nzu uriko urubaka. 13 Nzoba hagati mu Bisirayeli+, kandi sinzoheba ihanga ryanje Isirayeli+.»

14 Salomo abandanya rero kwubaka nya nzu gushika ayirangije. 15 Impome z’imbere muri iyo nzu azihomekako* imbaho z’amasederi kuva hasi gushika ku gisenge*, hasi na ho ahasasa imbaho z’umuberoshi+. 16 Maze mu gice c’inyuma muri iyo nzu ahatunganya icumba c’intambwe 20 mu mbaho z’amasederi, kuva hasi gushika ku gisenge*. Ico cumba c’indani ahiherereye+ citwa Aheranda cane+. 17 Igice c’imbere c’iyo nzu, ni ukuvuga Aheranda*+, cari gifise uburebure bw’intambwe 40. 18 Imbaho z’amasederi zari zihometse imbere muri iyo nzu zari zisaruyeko amashusho asa n’imyungu+ be n’amashurwe asambuye+. Ku mpome hose hari amasederi gusa. Nta buye na rimwe ryaboneka.

19 Muri ca cumba c’ahiherereye+ muri iyo nzu, arahategura kugira ngo ahashire isandugu y’isezerano rya Yehova+. 20 Ico cumba c’ahiherereye cari gifise uburebure bw’intambwe 20, ubwaguke bw’intambwe 20, n’uburebure bw’amahagarara bw’intambwe 20+. Salomo agihomekako inzahabu itavanze, igicaniro+ na co agihomekako amasederi. 21 Imbere muri nya nzu, Salomo ahahomeka inzahabu itavanze+, yongera atambika iminyororo y’inzahabu imbere y’icumba c’ahiherereye+. Nya cumba cari gihometseko inzahabu. 22 Hose muri nya nzu ahahomeka inzahabu, ntihagira na hamwe hasigara. N’igicaniro cari hafi y’ico cumba c’ahiherereye, cose agihomekako inzahabu+.

23 Akora n’abakerubi+ babiri bo mu cumba c’ahiherereye, abakora mu giti c’ipinusi*. Umwe wese yari afise uburebure bw’intambwe cumi+. 24 Ibaba rimwe ry’umukerubi ryareha n’intambwe zitanu, n’irindi rikareha n’intambwe zitanu. Kuva kw’isonga ry’ibaba rimwe gushika ku rindi songa hareha n’intambwe cumi. 25 N’umukerubi agira kabiri kwari ukwo: zari intambwe cumi. Bompi barangana kandi bari bakozwe cokimwe. 26 Umwe wese muri abo bakerubi yareha n’intambwe cumi. 27 Maze Salomo ashira nya bakerubi+ muri ca cumba c’indani*. Amababa yabo yari ashanje ku buryo ibaba ry’umwe ryakora ku ruhome rumwe, iry’uwundi rigakora ku rundi ruhome. Ayandi mababa yabo yahurira hagati muri ico cumba, agakoranako. 28 Abo bakerubi yabahometseko inzahabu.

29 Ku mpome zose z’iyo nzu, ni ukuvuga mu cumba c’Aheranda cane n’ic’Aheranda*, ahasarura amashusho y’abakerubi+, ay’ibigazi+ n’ay’amashurwe asambuye+. 30 Hasi muri ivyo vyumba ahahomeka inzahabu. 31 Ku bwinjiriro bw’icumba c’ahiherereye ahakora imiryango mu giti c’ipinusi, inkingi zo mu mbavu n’ibishimaryango, bifata ica gatanu c’uruhome*. 32 Iyo miryango ibiri yo mu giti c’ipinusi ayisarurako amashusho y’abakerubi, ay’ibigazi n’ay’amashurwe asambuye. Maze ayihomekako inzahabu. Ayo mashusho y’abakerubi n’ay’ibigazi ayatsindagiramwo inzahabu akoresheje inyundo. 33 Ukwo ni ko yagize no ku bwinjiriro bw’Aheranda*: ibishimaryango vyaho yabikoze mu giti c’ipinusi, bifata ica kane c’uruhome*. 34 Akora imiryango ibiri mu giti c’umuberoshi. Buri muryango wari ugizwe n’inzugi zibiri ziriko ibintu bituma zizinga*+. 35 Nuko asarura kuri iyo miryango amashusho y’abakerubi, ay’ibigazi n’ay’amashurwe asambuye, maze nya mashusho ayahomekako inzahabu.

36 Yubaka uruhome ruzitira ikigo c’indani+. Yarwubatse mu kugerekeranya imirongo itatu y’amabuye abajwe, ayongerako umurongo w’imbaho z’amasederi+.

37 Mu mwaka ugira kane mu kwezi kwa Zivu*, ni ho bashinga umushinge w’inzu ya Yehova+. 38 Bayirangije mu mwaka ugira 11 mu kwezi kw’umunani kwitwa Buli*. Ico gihe ni ho basozera utuntu twose tujanye n’iyo nzu hisunzwe umugero wayo+. Salomo yamaze rero imyaka indwi ayubaka.

7 Salomo yubaka inzu* yiwe, ayirangiza mu myaka 13+.

2 Yubaka inyubakwa yitwa inzu y’ikibira c’i Libani+. Yari ifise uburebure bw’intambwe* 100, ubwaguke bw’intambwe 50 n’uburebure bw’amahagarara bw’intambwe 30*. Yari ihagaze ku nkingi z’ibiti vy’amasederi zitonze mu mirongo ine, izo nkingi zikaba zari zitambitseko imyamba yo mu biti vy’amasederi+. 3 Hejuru kuri nya nkingi hariko n’amatanga ashasheko imbaho z’amasederi. Yose hamwe yari 45. Ku murongo umwumwe hari 15. 4 Iyo nzu yariko amadirisha akikujwe n’ibizingiti*. Ayo madirisha yari atonze mu mirongo itatu igerekeranye kandi ayo ku ruhande rumwe yarabana n’ayo ku rundi ruhande. 5 Aho binjirira hose no ku bishimaryango vyaho, hari ibizingiti vy’imfuruka ngororotsi*. Ni ko vyari bimeze no ku ruhande rw’imbere rwa ya madirisha yarabana.

6 Yubaka n’ibaraza rifise inkingi. Iryo baraza ryari rifise uburebure bw’intambwe 50 n’ubwaguke bw’intambwe 30. Imbere yaryo ahubaka akandi kabaraza gafise inkingi n’igisenge kirenga kuri izo nkingi.

7 Yubaka n’inzu* yo guciramwo imanza, ari yo Ngoro y’intebe y’ubwami+. Ni ho yacira imanza+. Impome za nya nzu azihomekako imbaho z’amasederi kuva hasi gushika ku gisenge*.

8 Ikirimba ciwe cari cubatse mu kindi kigo+, hirya y’ingoro yaciramwo imanza* kandi vyari vyubatse kumwe. Salomo yubaka n’iyindi nzu imeze nk’iyo ngoro, ayubakira umukobwa wa Farawo yari yaratwaye+.

9 Izo nyubakwa zose zari zubakishijwe amabuye azimvye+. Bari bayabaje bakurikije ibipimo, bayaringaniza ku mpande zose bakoresheje imisumeno y’amabuye. Ni yo bubakishije kuva ku mushinge gushika hejuru, no hanze gushika mu kigo kinini*+. 10 Imishinge y’izo nyubakwa yari yubakishijwe amabuye maninimanini cane kandi azimvye. Amwamwe yareha n’intambwe cumi, ayandi umunani. 11 Hejuru y’ayo mabuye hariko amabuye azimvye yabajwe ku gipimo hakabako n’amasederi. 12 Ikigo kinini* cari gikikujwe n’uruhome rugizwe n’imirongo itatu igerekeranye y’amabuye abajwe, be n’umurongo w’imbaho z’amasederi. N’uruhome rw’ikigo c’indani+ c’inzu ya Yehova be n’ibaraza ry’inzu+, ni ko vyari vyubatse.

13 Nuko umwami Salomo atumako Hiramu+ i Tiro. 14 Nyina yari umupfakazi wo mu muryango wa Nafutali. Se yahoze ari umucuzi ava i Tiro, akaba yakora ibintu vyo mu butare bw’umujumpu+. Hiramu yari umuhinga karuhariwe, aciye ubwenge+ kandi azi gukora ibintu vyo mu mujumpu* vy’ubwoko bwose. Nuko arenguka imbere y’umwami Salomo, akora ivyo yamusavye vyose.

15 Ashongesha ubutare bw’umujumpu, akora inkingi zibiri+. Inkingi imwe yose yareha n’intambwe 18, kandi kugira uyikikuze vyasaba umugozi w’intambwe 12*+. 16 Yongera gushongesha ubutare bw’umujumpu, akora ibintu bibiri bimeze nk’ibikono vyo gushira hejuru kuri izo nkingi. Kimwe cose careha n’intambwe zitanu. 17 Kimwe cose muri ivyo bikono cariko udusharizo duhotoye nk’utunyororo twinjiranamwo tukamera nk’urusenga+. Utwo tunyororo twari indwindwi kuri buri rusenga. 18 Maze hejuru y’izo nsenga zari kuri ivyo bikono vyompi, ashirako amashusho y’ivyamwa vyitwa amakomamanga atonze mu mirongo ibiri. Yari ayo gupfuka ivyo bikono vyari hejuru kuri za nkingi. 19 Ivyo bikono vyo hejuru ku nkingi z’ibaraza vyari bimeze nk’ishurwe ry’ilisi rireha n’intambwe zine. 20 Ivyo bikono vyari bifise ahantu hafoye amabondo. Ni ho ico gice kimeze nk’ilisi catangurira kandi ni ho za nsenga zagarukira. Buri gikono cari gikikujwe n’amakomamanga 200 atonze mu mirongo+.

21 Araheza ashinga izo nkingi z’ibaraza ry’urusengero*+. Inkingi y’iburyo* ayita Yakini*, iy’ibubamfu* ayita Bowazi*+. 22 Igice co hejuru c’izo nkingi, cari gikozwe nk’ishurwe ry’ilisi. Nuko arangiza igikorwa co gukora izo nkingi.

23 Aca ashongesha ubutare bw’umujumpu, akora igitangi kimeze nk’umuzingi citwa Ikiyaga+. Kuva ku mbiga imwe gushika ku yindi cari gifise ubwaguke bw’intambwe 10. Uburebure bwaco bw’amahagarara bwari intambwe 5. Kugikikuza cose vyasaba umugozi w’intambwe 30*+. 24 Munsi y’imbiga z’ico gitangi, hose hari hakikujwe n’udusharizo tumeze nk’imyungu+. Hagati y’intambwe n’iyindi hari udusharizo cumi. Twari dutonze mu mirongo ibiri kandi twakoranywe n’ico gitangi mu butare bushongeshejwe. 25 Ico gitangi cari gihagaze ku mpfizi 12+. Zitatu zaraba mu buraruko, zitatu zikaraba mu burengero, zitatu mu bumanuko, zindi zitatu mu buseruko. Izo mpfizi zarahana imigongo, ico gitangi na co kikaba hejuru yazo. 26 Intimbatimba yaco yangana n’ubwaguke bw’ikiganza*. Cari gifise umunwa nk’uw’igikombe, umeze nk’ishurwe ry’ilisi. Cajamwo amazi angana n’ingero zitwa bati 2.000*.

27 Hanyuma akora amashareti*+ cumi y’umujumpu. Ishareti imwimwe yose yari ifise uburebure bw’intambwe zine, ubwaguke bw’intambwe zine n’uburebure bw’amahagarara bw’intambwe zitatu. 28 Uku ni ko ayo mashareti yari akozwe: impande zayo zari zibase, zikaba zacamwo utuntu dushinze n’utundi dukitse. 29 Hagati muri utwo tuntu turi kuri izo mpande zibase, hariko amashusho y’intambwe+, ay’impfizi n’ay’abakerubi+. Kuri utwo tuntu dushinze n’udukitse, na ho nyene hariko ayo mashusho. Haruguru no hepfo y’ayo mashusho y’intambwe n’ay’impfizi hari udusharizo tumeze nk’ibitsibo vyenena. 30 Buri shareti yari ifise amapine ane y’umujumpu n’ivyuma vy’umujumpu bitambitse hagati yayo. Mu mfuruka yari ifise inkingi zine zishigikiye ayo mapine n’ivyo vyuma vyayo. Kuri iyo shareti hariko n’ikibesani giteretse ku bishigikizo vyakozwe mu butare bushongeshejwe, bikoranwa n’udusharizo tumeze nk’ibitsibo vyenena. 31 Umunwa w’ico kibesani wari ukikujwe n’ikintu kimeze nk’urugori. Kuva hasi muri ico kibesani gushika ku mubari w’epfo w’urwo rugori hareha n’intambwe imwe. Urwo rugori n’ivyo bishigikizo vyari bifise amahagarara y’intambwe imwe n’inusu. Urwo rugori rwari rufise umunwa w’umuzingi kandi rwari rusaruweko udusharizo. Ariko ku mpande zarwo ntihari hameze nk’umuzingi, hari hameze nk’udutafari. 32 Munsi ya za mpande zibase z’ishareti hari amapine ane. Ibiyashigikiye vyari bifashe kw’ishareti. Ipine rimwerimwe ryose ryareha n’intambwe imwe n’inusu. 33 Ayo mapine yari ameze nk’ay’umukogote. Ibiyashigikiye, amajante* yayo, amasera yayo n’amabombo yayo, vyose vyari bikozwe mu butare bwashongeshejwe. 34 Buri shareti yari ifise inkingi zine mu mfuruka zayo zine, vyose bikaba vyarakoranywe mu butare bushongeshejwe*. 35 Hejuru kw’ishareti hari ikintu kimeze nk’urugori gifise amahagarara angana n’inusu y’intambwe. Utuzingiti* dukikuje ico kintu be n’impande zaco vyakoranywe n’iyo shareti mu butare bushongeshejwe*. 36 Kuri utwo tuzingiti twaco no ku mpande zaco, hari hasaruwe amashusho y’abakerubi, ay’intambwe n’ay’ibigazi bivanye n’ingene hangana. Hirya no hino hari udusharizo tumeze nk’ibitsibo vyenena+. 37 Ukwo ni ko Hiramu yakoze amashareti yose uko ari cumi+. Yose yayakoze kumwe mu butare bushongeshejwe+. Yarangana kandi yari ameze cokimwe.

38 Akora ibibesani cumi vy’umujumpu+, kimwe cose kikaba cajamwo amazi angana n’ingero 40 zitwa bati*. Ikibesani kimwe cose cangana n’intambwe zine*. Imwimwe yose muri ya mashareti cumi yariko ikibesani kimwe. 39 Maze ashira amashareti atanu iburyo bwa nya nzu*, yandi atanu ibubamfu bwayo. Ca gitangi citwa Ikiyaga na co agishira iburyo bwa nya nzu, amaja mu bumanuko bushira ubuseruko+.

40 Hiramu+ akora n’amabesani, ibipawa+ n’amabakure+.

Nuko arangiza ibintu vyose umwami Salomo yamusavye gukora bijanye n’inzu ya Yehova+. Ni vyo vy’ibi: 41 za nkingi zibiri+ na vya bintu bimeze nk’ibikono vyari hejuru yazo, twa tuntu tubiri tumeze nk’urusenga+ twari dukikuje ivyo bikono bibiri, 42 na ya makomamanga 400+ yari kuri za nsenga zibiri atonze mu mirongo ibiri kuri buri rusenga. Ayo makomamanga yari ayo gupfuka ivyo bikono bibiri vyari hejuru kuri izo nkingi zibiri. 43 Yakoze na ya mashareti cumi+ na vya bibesani cumi+ vyari kuri yo, 44 ca gitangi citwa Ikiyaga+ na za mpfizi 12 zari munsi yaco, 45 twa tudobo, vya bipawa, ya mabakure n’ibindi bikoresho vyose Hiramu yakoreye umwami Salomo ku bw’inzu ya Yehova. Yabikoze mu mujumpu usenye. 46 Umwami yabikoresheje mu maforoma y’ibumba basukamwo ubutare bashongesheje. Vyakorewe mu karere ka Yorodani, hagati y’i Sukoti n’i Saretani.

47 Ivyo bikoresho vyose Salomo ntiyabipimye kuko vyari vyinshi cane. Ntiyapimye n’uburemere bw’ubutare bw’umujumpu bakoresheje+. 48 Nuko Salomo akora ibikoresho vyose vy’inzu ya Yehova: igicaniro+ c’inzahabu, imeza+ y’inzahabu bashirako imikate y’ishikanwa, 49 n’ivyo baterekako amatara+ bikozwe mu nzahabu itavanze vyari imbere y’icumba c’ahiherereye. Bitanu vyari iburyo, bindi bitanu ibubamfu. Akora n’amashurwe+, amatara n’udupensi*, vyose abikora mu nzahabu+. 50 Akora n’amabesani, udukasi*+, amabakure, ibikombe+, udupanu tujamwo umuriro+, vyose abikora mu nzahabu itavanze. Akora n’utunogo imiryango y’icumba c’indani+ izungurukirako. Ico cumba ni Aheranda cane. Akora n’utw’imiryango y’Aheranda*+. Twose yadukoze mu nzahabu.

51 Umwami Salomo arangiza ivyo yategerezwa gukora bijanye n’inzu ya Yehova. Salomo araheza azana ibintu se Dawidi yari yareguriye Imana*+, maze ashira ifeza, inzahabu n’ibindi bintu mu bubiko bw’itunga ry’inzu ya Yehova+.

8 Ico gihe umwami Salomo akoranya+ abashingantahe bo muri Isirayeli, abakuru* b’imiryango bose n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango* ya Isirayeli+. Baja iyo ari i Yeruzalemu kugira ngo badugane isandugu y’isezerano rya Yehova bayikuye mu gisagara ca Dawidi+, ari co Siyoni+. 2 Nuko abagabo bo muri Isirayeli bose bakoranira imbere y’umwami Salomo ku musi mukuru* mu kwezi kugira indwi+ kwitwa Etanimu*. 3 Abashingantahe bose bo muri Isirayeli bamaze kuza, abaherezi baca barerura iyo sandugu+. 4 Abaherezi n’Abalewi baca badugana isandugu ya Yehova, ihema ry’ibonaniro+ n’ibikoresho vyeranda vyose vyari muri ryo. 5 Umwami Salomo n’Abisirayeli bose yari yatumiye bakoranira imbere y’iyo sandugu, bashikana ibimazi+ vy’intama n’inka bidaharurika.

6 Maze abaherezi binjiza isandugu y’isezerano rya Yehova mu kibanza cayo+. Bayishira mu cumba c’ahiherereye c’urusengero*, ni ukuvuga Aheranda cane, munsi y’amababa ya ba bakerubi+.

7 Amababa y’abo bakerubi yari ashanje hejuru y’aho iyo sandugu iteretse, ku buryo babera igitutu iyo sandugu n’ibibando vyo kuyireruza*+. 8 Ivyo bibando+ vyari birebire cane ku buryo umuntu ari Aheranda imbere y’icumba c’ahiherereye yabona imitwe yavyo, mugabo uwuri hanze nta yo yabona. Ivyo bibando ni ho bikiri gushika n’uyu musi. 9 Muri iyo sandugu nta kindi carimwo atari vya bisate bibiri vy’amabuye+ Musa yashiramwo+ bari i Horebu, igihe Yehova yagirana isezerano+ n’Abisirayeli bavuye mu gihugu ca Misiri+.

10 Abaherezi bamaze kuva ahantu heranda, igicu+ gica cuzura inzu ya Yehova+. 11 Ico gicu gituma abaherezi badashobora kubandanya igikorwa cabo kubera ko ubuninahazwa bwa Yehova bwari bwuzuye inzu ya Yehova+. 12 Maze Salomo avuga ati: «Yehova, wavuze ko uzoba mu mwiza w’umuzitanya+. 13 None raba narakwubakiye inzu ihambaye uzobamwo ibihe vyose+.»

14 Maze umwami arahindukira, araba ishengero ryose ry’Abisirayeli bari bahagaze imbere yiwe, atangura kubahezagira+. 15 Avuga ati: «Yehova Imana ya Isirayeli aragahezagirwa, we yashikije* ivyo ubwiwe yavuze* igihe yasezeranira dawe Dawidi ati: 16 “Kuva umusi nakura abantu banje b’Abisirayeli mu Misiri, nta gisagara natoye mu miryango yose ya Isirayeli ngo bahubake inzu izokwama yitirirwa izina ryanje+. Mugabo naratoye Dawidi kugira ngo aganze abantu banje b’Abisirayeli.” 17 Dawe Dawidi yaripfuje cane kwubaka inzu yitirirwa izina rya Yehova Imana ya Isirayeli+. 18 Mugabo Yehova abwira dawe Dawidi ati: “Waripfuje cane kwubaka inzu yitirirwa izina ryanje, kandi wagize neza. 19 Ariko si wewe uzokwubaka iyo nzu. Umuhungu uzovyara* ni we azokwubaka inzu yitirirwa izina ryanje+.” 20 Yehova yarashikije ivyo yari yarasezeranye: dawe Dawidi naramusubiriye, nicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli, nk’uko Yehova yari yarabisezeranye. Narubatse n’inzu yitirirwa izina rya Yehova Imana ya Isirayeli+. 21 Muri iyo nzu narahateguye ikibanza c’isandugu irimwo isezerano+ Yehova yagiranye na ba sogokuruza bacu igihe yabakura mu gihugu ca Misiri.»

22 Maze Salomo ahagarara imbere y’igicaniro ca Yehova, ishengero ryose ry’Abisirayeli riri imbere yiwe, aduza amaboko ayerekeje mw’ijuru+. 23 Avuga ati: «Ewe Yehova Mana ya Isirayeli, nta Mana iriho imeze nkawe+ hejuru mw’ijuru canke hasi kw’isi. Urashitsa ivyo wasezeranye kandi ukereka urukundo rudahera*+ abasavyi bawe bagukorera* n’umutima wabo wose+. 24 Warubahirije ivyo wasezeraniye umusavyi wawe dawe Dawidi. Uyu musi ushikije ivyo wewe ubwawe wasezeranye+. 25 None rero Yehova Mana ya Isirayeli, ndagusavye uze ushitse ivyo wasezeraniye umusavyi wawe dawe Dawidi igihe wavuga uti: “Abana bawe nibaguma bigenza neza, bakagendera mu nzira zanje nk’uko wabigize, mu muryango wawe ntihazokwigera habura uwicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+.” 26 Mana ya Isirayeli, ndagusavye ushitse ivyo wasezeraniye umusavyi wawe dawe Dawidi.

27 Ariko none Mana, vy’ukuri uzoba kw’isi+? N’ijuru iyo riva rikagera ntirishobora kugukwira+, nkanswe iyi nzu nubatse+! 28 Ndagusavye rero Yehova Mana yanje wumvirize isengesho ryanje jewe umusavyi wawe, wumvirize n’ugutakamba kwanje. Ndagusavye wumve ugutabaza kwanje n’isengesho ndagutuye uyu musi. 29 Nugumize amaso yawe kuri iyi nzu ijoro n’umurango. Ku vyerekeye iyi nzu, wavuze uti: “Izina ryanje ni ho rizoba+.” Nuyigumizeko amaso kugira ngo unyumvirize jewe umusavyi wawe ninagusenga ntumbereye aha hantu+. 30 Uze wumvirize ugutakamba kwanje jewe umusavyi wawe n’ukw’abantu bawe b’Abisirayeli, nibasenga batumbereye aha hantu. Uze wumvirize uri mw’ijuru aho uba+, maze utubabarire+.

31 Umuntu niyacumura kuri mugenziwe, hari aho bomutegeka kurahira* na we akavyemera, hanyuma amaze kurahira akaza imbere y’igicaniro cawe muri iyi nzu+. 32 Nivyaba, uze wumve uri mw’ijuru ugire ico ukoze. Uze ucire urubanza abasavyi bawe: umubisha umucire urubanza bikwiranye*, ivyo yakoze bije ku gatwe kiwe, umugororotsi na we umwambike izera*, umuhembere ubugororotsi bwiwe+.

33 Abantu bawe b’Abisirayeli nibatsindwa n’abansi babo kubera ko bazoba bagumye bagucumurako+, hanyuma bakakugarukako bakaninahaza izina ryawe+, bakaza kugusengera muri iyi nzu bagutakambira+, 34 uze wumve uri mw’ijuru. Uze ubabarire igicumuro c’abantu bawe b’Abisirayeli, hanyuma ubagarukane mu gihugu wahaye ba sekuruza babo+.

35 Ijuru niryugarwa, imvura ikareka kugwa+ kubera yuko bagumye bagucumurako+, hanyuma bagasenga batumbereye aha hantu, bakaninahaza izina ryawe, bagaheba ibicumuro vyabo kubera wabacishije bugufi*+, 36 uze wumve uri mw’ijuru. Uze ubabarire ibicumuro vy’abasavyi bawe, ubabarire abantu bawe b’Abisirayeli, ubigishe+ inzira nziza bakwiye gucamwo. Uzoce ugwisha imvura ku gihugu cawe+, ico wahaye abantu bawe nk’intoranwa.

37 Mu gihugu nihatera inzara+, ikiza, imiyaga ibabura ibiterwa, ingese y’ibiterwa*+, inzige canke ibihori bitema bigatongora, canke abansi babo bakugariza igisagara cabo ico ari co cose, canke bagaterwa n’icago ico ari co cose canke indwara iyo ari yose+, 38 ntibazobura kugusenga. Umuntu uwo ari we wese canke abantu bawe b’Abisirayeli bose, nibagusenga canke bakagutakambira+ (kuko umwe wese azi amagorwa afise mu mutima+), maze bakaduza amaboko bayerekeje kuri iyi nzu, 39 uze wumve rero uri mw’ijuru aho uba+, ubababarire+, uheze ubatabare. Umwe wese uze umuhe ibikwiranye n’ivyo akora+ kuko uzi umutima wiwe. (Ni wewe wenyene uzi neza umutima w’umuntu wese+.) 40 Uze ubigire kugira ngo bagutinye igihe cose bazoba mu gihugu wahaye ba sogokuruza bacu.

41 Kandi nihagira umunyamahanga atari uwo mu bantu bawe b’Abisirayeli aza avuye mu gihugu ca kure, akaza azanywe n’izina ryawe*+, 42 (kuko bazokwumva ibijanye n’izina ryawe rihambaye+ n’ukuboko kwawe gukomeye kandi kw’ububasha*) akaza maze agasenga atumbereye iyi nzu, 43 uze umwumvirize uri mw’ijuru aho uba+, umukorere ivyo agusavye vyose. Amahanga yose yo kw’isi azoheza amenye izina ryawe yongere agutinye+ nk’uko abantu bawe b’Abisirayeli bagutinya, amenye kandi yuko iyi nzu nubatse yitirirwa izina ryawe.

44 Niwarungika abantu bawe ahantu aho ari ho hose ngo baje kurwanya abansi babo+, maze bakagusenga+ wewe Yehova batumbereye iki gisagara watoye+ n’iyi nzu nubatse ngo yitirirwe izina ryawe+, 45 uze rero wumve isengesho ryabo. Uze wumve n’ugutakamba kwabo uri iyo mw’ijuru, ubafashe*.

46 Abantu bawe nibagucumurako (kuko ata muntu adacumura+), hari aho wobashavurira cane maze ukareka abansi babo bakabatsinda, bakabatwara ari imbohe mu gihugu cabo, caba kiri kure canke hafi+. 47 Bagezeyo hari aho bokwigarura bakakugarukako+, bakagutakambira bari muri ico gihugu c’ababagize imbohe+, bakakubwira bati: “Twaracumuye tugira nabi, dukora ivy’ububisha+.” 48 Hari aho bokugarukako n’umutima wabo wose+ n’ubuzima bwabo bwose bari muri ico gihugu abansi babo babajanyemwo ari imbohe, maze bakagusenga batumbereye igihugu cabo wahaye ba sekuruza babo n’igisagara watoye be n’iyi nzu nubatse ngo yitirirwe izina ryawe+. 49 Uze rero wumve isengesho ryabo n’ugutakamba kwabo uri iyo mw’ijuru aho uba+, ubafashe*. 50 Uze ubabarire abantu bawe bagucumuyeko, ubababarire amakosa yose bagukoreye. Uze utume ababagize imbohe babumvira akagongwe, babumvire akagongwe vy’ukuri+, 51 (kuko ari abantu bawe n’intoranwa yawe+ wakuye mu Misiri+, mw’ifuru ishongesha ivyuma+). 52 Uze witegereze igihe jewe umusavyi wawe ndagutakambira+ n’igihe abantu bawe b’Abisirayeli bagutakambira, maze wumvirize igihe cose bagutabaje*+, 53 kuko ari wewe Mukama Segaba Yehova, wabatandukanije n’ayandi mahanga yose yo kw’isi+ kugira ngo babe intoranwa yawe, nk’uko nyene wabivuze biciye ku musavyi wawe Musa, igihe wakura ba sogokuruza bacu mu Misiri.»

54 Nuko Salomo akirangiza kubwira Yehova ayo majambo yose mw’isengesho no kumutakambira, aca arahaguruka ava imbere y’igicaniro ca Yehova, aho yari apfukamye adugije amaboko ayerekeje mw’ijuru+. 55 Aca arahagarara, maze ahezagira ishengero ryose rya Isirayeli n’ijwi rirenga ati: 56 «Hashemezwe Yehova, we yahaye abantu biwe b’Abisirayeli ahantu bibera mu mahoro nk’uko yabisezeranye+. Mu bintu vyiza vyose yasezeranye biciye ku musavyi wiwe Musa, nta na kimwe kitashitse+. 57 Yehova Imana yacu aze abane natwe nk’uko nyene yabanye na ba sogokuruza bacu+. Ntazodute canke ngo aduhebe+. 58 Natume umutima wacu umwihebera+ kugira ngo tugendere mu nzira ziwe zose, twongere dukurikize amabwirizwa yiwe, amategeko yiwe n’ingingo yashinze, ivyo yasavye ba sogokuruza bacu kwubahiriza. 59 Yehova Imana yacu aze yame yibuka ku murango no mw’ijoro aya majambo mvuze ndamutakambira, maze Yehova antabare* jewe umusavyi wiwe n’abantu biwe b’Abisirayeli, bivanye n’ivyo dukeneye buri musi. 60 Amahanga yose yo kw’isi azoheza amenye ko Yehova ari we Mana y’ukuri+, ko ata yindi iriho+. 61 Mukorere rero Yehova Imana yacu n’umutima wanyu wose*+, mubigire mu gukurikiza amategeko yiwe n’amabwirizwa yiwe nk’uko muriko murabigira.»

62 Umwami n’Abisirayeli bose bari kumwe na we bashikanira Yehova ibimazi vyinshi+. 63 Salomo ashikanira Yehova ibimazi vyo gusangira+. Yashikanye inka 22.000 n’intama 120.000. Ni ukwo vyagenze igihe umwami n’Abisirayeli bose binjira inzu ya Yehova+. 64 Kuri uwo musi, vyabaye ngombwa ko umwami yeza igice co hagati c’ikigo kiri imbere y’inzu ya Yehova. Ni ho yaciye ashikanira ibimazi biturirwa, amashikanwa y’intete n’ibihimba binuze vy’ibimazi vyo gusangira. Yabigize kubera ko igicaniro c’umujumpu+ kiri imbere ya Yehova cabaye gitoya cane ku buryo kidakwirwamwo ivyo bimazi biturirwa, ayo mashikanwa y’intete n’ivyo bihimba binuze+ vy’ibimazi vyo gusangira. 65 Ico gihe Salomo agira umusi mukuru+ imbere ya Yehova Imana yacu ari kumwe n’Abisirayeli bose. Ryari ishengero rinini ryaje riva i Lebo-Hamati* no gushika ku mwonga* wa Misiri+. Uwo musi mukuru wamaze imisi 7, bongerako n’iyindi misi 7, yose hamwe iba 14. 66 Ku musi ukurikira*, umwami asezera abantu maze baramuhezagira. Baca barataha banezerewe kandi baryohewe mu mutima kubera ivyiza vyose+ Yehova yakoreye umusavyi wiwe Dawidi n’ihanga ryiwe Isirayeli.

9 Salomo akirangiza kwubaka inzu ya Yehova n’ikirimba* ciwe+ no kwubaka ikintu cose yipfuza+, 2 Yehova yongera kubonekera Salomo nk’uko yari yaramubonekeye i Gibeyoni+. 3 Maze Yehova amubwira ati: «Numvise isengesho ryawe n’ivyo wansavye utakamba. Iyi nzu wubatse nayejeje kugira ngo izokwame yitirirwa izina ryanje+. Nzoyamizako ijisho n’umutima+. 4 Nawe niwigenza neza nka so Dawidi+, ukabigira n’umutima wawe wose+ kandi mu buryo bugororotse+, ugakora ivyo nagutegetse vyose+ kandi ukagamburuka amabwirizwa yanje n’ingingo nashinze+, 5 nanje rero nzokomeza ubwami bwawe muri Isirayeli ibihe vyose nk’uko nabisezeraniye so Dawidi, nti: “Mu muryango wawe ntihazokwigera habura uwicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+.” 6 Mugabo mwebwe n’abahungu banyu nimwantera akagere ntimukurikize amabwirizwa n’amategeko nabahaye, mugatangura gusenga* izindi mana no kuzunamira+, 7 nzorandura rero Abisirayeli mu gihugu nabahaye+, n’inzu nejeje ngo yitirirwe izina ryanje ndayihebe, imve mu maso+. Abisirayeli bazosigara bagayitse*, babe n’akamenyo imbere y’amahanga yose+. 8 Iyi nzu wubatse izosigara ari ibihomvagurike+. Uwuzoyica iruhande wese azoyiraba yumirwe, avuze agahwa, abaze ati: “Mbe basha iki gihugu n’iyi nzu Yehova yabihoye iki+?” 9 Bazomwishura bati: “Abantu bahaba barahevye Yehova Imana yabo yakuye ba sekuruza babo mu gihugu ca Misiri, baja ku zindi mana, barazunamira barazisenga*. Ni co catumye Yehova abateza ibi vyago vyose+.”»

10 Salomo yamaze imyaka 20 yubaka za nzu zibiri, ni ukuvuga ya nzu ya Yehova n’ikirimba* ciwe+. 11 Muri ico kiringo, Hiramu+ umwami w’i Tiro yarahaye Salomo ibiti vy’amasederi n’ivy’imiberoshi be n’inzahabu zose yipfuza+. Umwami Salomo na we araheza aha Hiramu ibisagara 20 mu karere ka Galilaya. 12 Nuko Hiramu ava i Tiro aja kuraba ivyo bisagara Salomo yamuhaye, ariko ntiyabishima*. 13 Abwira Salomo ati: «Ibi bisagara wampaye ni bwoko ki ga mwenewacu?» Baraheza bavyita akarere ka Kabuli* gushika n’uyu musi. 14 Hiramu yarungikiye umwami italanto* z’inzahabu+ 120.

15 Ng’aya amakuru ajanye n’abo umwami Salomo yahamagaye ngo bakore ibikorwa+ vyo kwubaka inzu ya Yehova+, ikirimba* ciwe, agasozi Milo*+, uruzitiro rwa Yeruzalemu, igisagara ca Hazori+, ica Megido+ n’ica Gezeri+. 16 (Farawo umwami wa Misiri yari yarateye igisagara ca Gezeri aragifata, maze agituriza umuriro, yica n’Abanyakanani+ bakibamwo. Yahavuye agiha umukobwa wiwe+ nk’ingabire* igihe yaja kwubakana na Salomo.) 17 Salomo asubira kwubaka* igisagara ca Gezeri, ica Beti-Horoni y’Epfo+, 18 ica Bayalati+, ica Tamari kiri mu bugaragwa muri ico gihugu, 19 ibisagara vyiwe vyose vyo kubikamwo ibintu, ibisagara vyo kubikamwo imikogote+ n’ibisagara vy’abagendera ku mafarasi. Yubaka n’ivyo yipfuza kwubaka vyose i Yeruzalemu, i Libani n’ahandi hose mu gihugu yaganza. 20 Hari abantu batari abo mu Bisirayeli bari basigaye mu gihugu. Bari Abamori, Abaheti, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi+. 21 Abakomotse kuri abo bantu bari basigaye mu gihugu, Abisirayeli ntibari barashoboye kubatikiza. Abo ni bo Salomo yakoresheje ibikorwa vy’agahato, abagira abashumba gushika n’uyu musi+. 22 Ariko mu Bisirayeli nta n’umwe Salomo yagize umushumba+. Bobo yabagize abarwanyi, abasuku, abatware, ibisongerezi, abakuru b’abatwara imikogote n’abakuru b’abagendera ku mafarasi. 23 Salomo yari afise abakuru 550 bajejwe abahagarikira ibikorwa. Ni bo batwara abakozi+.

24 Maze umukobwa wa Farawo+ ava mu gisagara ca Dawidi+, yimukira mu nzu yiwe Salomo yamwubakiye. Salomo araheza yubaka ka gasozi Milo*+.

25 Gatatu mu mwaka+, Salomo yarashikana ibimazi biturirwa n’ibimazi vyo gusangira ku gicaniro yari yarubakiye Yehova+. Yashikana ivyo bimazi kuri ico gicaniro cari imbere ya Yehova, bigafumba umwotsi. Salomo yari yarangije kwubaka inzu y’Imana+.

26 Umwami Salomo akora n’amato* i Eziyoni-Geberi+ hafi y’i Eloti, ku nkengera y’ikiyaga Gitukura, mu gihugu ca Edomu+. 27 Hiramu yararungika abasuku biwe bamenyereye cane ikiyaga, bakaja gukorana n’abasuku ba Salomo kuri ayo mato+. 28 Baraja i Ofiri+, bakagaruka bazaniye umwami Salomo italanto 420 z’inzahabu.

10 Maze umwamikazi w’i Sheba aza kugeza Salomo n’ibibazo bigoye* kubera yumvise ukuntu Salomo ari rurangiranwa+, bigaha icubahiro izina rya Yehova+. 2 Ashika i Yeruzalemu aherekejwe n’abantu benshi cane+ n’ingamiya zitwaye amavuta amota neza*+, inzahabu nyinshi cane n’amabuye y’agaciro. Yinjira aho Salomo ari, maze bayaga ivyari ku mutima wiwe vyose. 3 Salomo araheza amwishura ibibazo vyiwe vyose. Nta na kimwe umwami atashoboye kumusigurira*.

4 Umwamikazi w’i Sheba abonye ubukerebutsi* bwose bwa Salomo+, n’inzu yari yubatse+, 5 n’ibifungurwa vyo ku meza yiwe+, n’ukuntu abantu biwe bicara ku meza, n’ukuntu abasuku biwe batanga ibifungurwa n’ingene baba bambaye, n’abasuku biwe batanga ibinyobwa, n’ibimazi biturirwa yama ashikana ku nzu ya Yehova, aca arumirwa biramurenga*. 6 Nuko abwira umwami ati: «Ivyo numvise mu gihugu canje ku bijanye n’ivyo wakoze* be n’ubukerebutsi bwawe kwari ukuri. 7 Mugabo sinavyemeye gushika ndahishikiye nkavyibonera. None nsanze ata n’igice cavyo bambwiye. Ndavye ubukerebutsi ufise n’ingene watunze ugatunganirwa, nsanze biruta kure n’iyo ivyo nari narumvise. 8 Abantu bawe n’abasuku bamana nawe barahiriwe kubera bumviriza ubukerebutsi bwawe+. 9 Yehova Imana yawe nashemezwe+, we yagushimye akakwicarika ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli. Kubera ko Yehova akunda Abisirayeli urukundo rwamaho, yakugize umwami wabo ngo ubatware neza* wongere ubatunganirize.»

10 Maze aha umwami italanto* 120 z’inzahabu n’amavuta amota neza*+ menshi cane n’amabuye y’agaciro+. Nta wundi yongeye kuzana amavuta nk’ayo angana n’ayo umwamikazi w’i Sheba yahaye umwami Salomo.

11 Amato* ya Hiramu yava i Ofiri+, akaza azanye inzahabu n’ibiti vyinshi cane vyitwa alumugi*+ hamwe n’amabuye y’agaciro+. 12 Ivyo biti umwami yabikozemwo ibintu bishigikira inzu ya Yehova n’inzu* y’umwami, abikoramwo n’inanga n’ibicurarangisho vy’imirya vy’abaririmvyi+. Nta biti vya alumugi nk’ivyo vyongeye kuzanwa canke kuboneka gushika n’uyu musi.

13 Umwami Salomo na we aha umwamikazi w’i Sheba ikintu cose yipfuza n’ico yasavye cose. Aho ntituvuze ivyo umwami yamuhaye atarinze kumusaba*. Uwo mwamikazi araheza asubira mu gihugu ciwe ari kumwe n’abasuku biwe+.

14 Buri mwaka Salomo yaronka inzahabu zipima italanto 666+. 15 Aho ntidushizemwo ivyo abadandaza b’ingenzi bazana, n’inyungu yava mu bandi badandaza, n’ivyatangwa n’abami bose b’Abarabu na ba buramatari bo mu gihugu.

16 Umwami Salomo akora inkinzo zagutse 200 mu nzahabu ivanze+ (inkinzo imwe yose ijako shekeli* 600 z’inzahabu+). 17 Akora n’inkinzo ntonto* 300 mu nzahabu ivanze (inkinzo imwe yose ijako imina* zitatu z’inzahabu). Maze umwami abishira muri ya nyubakwa yitwa Inzu y’ikibira c’i Libani+.

18 Umwami akora intebe y’ubwami+ y’agatangaza akoresheje amasenge*, maze ayihomekako inzahabu ityoroye+. 19 Hariho ingazi y’intambuko zitandatu zishikana kuri nya ntebe y’ubwami, kandi ku mutwe wayo hari hihese nk’inkofero. Iyo ntebe yari ifise ahantu ho gushira amaboko ku mpande zayo zompi, hafi yaho hakaba hariho intare+ zibiri. 20 Irya n’ino ku mpera z’izo ntambuko zitandatu z’ingazi hariho intare 12, zitandatu ku ruhande rumwe, zitandatu ku rundi. Nta bundi bwami bwari bufise intebe nk’iyo.

21 Ivyo umwami Salomo yanyweramwo vyose vyari bikozwe mu nzahabu. Ivyombo vyose vyo muri ya Nzu y’ikibira c’i Libani+ na vyo vyari bikozwe mu nzahabu itavanze. Nta na kimwe cari gikozwe mw’ifeza. Mu gihe ca Salomo ifeza yabonwa ko ata co imaze+, 22 kuko umwami yari afise amato y’i Tarushishi+ yajana n’amato ya Hiramu. Rimwe mu myaka itatu, ayo mato y’i Tarushishi yaza yikoreye inzahabu, ifeza, amasenge+, inkende n’ibinyoni vyitwa tawusi*.

23 Umwami Salomo yarusha ubutunzi+ n’ubukerebutsi abandi bami bose bo kw’isi+. 24 Kandi abantu bo kw’isi yose bararondera ingene bobonana na Salomo kugira bumve ubukerebutsi Imana yamuhaye+. 25 Buri mwaka, umwe wese mu baza kumuraba yaza amuzaniye ingabire: ibintu vy’ifeza, ivy’inzahabu, impuzu, ibirwanisho, amavuta amota neza*, amafarasi n’indogobwa*.

26 Salomo aguma agwiza imikogote n’amafarasi*. Yari afise imikogote 1.400 n’amafarasi* 12.000+. Bimwe vyari mu bisagara abikamwo imikogote, ibindi bikaba i Yeruzalemu hafi y’aho yaba+.

27 Umwami Salomo yatumye ifeza zigwira nk’amabuye i Yeruzalemu, ibiti vy’amasederi na vyo bigwira nk’ibiti vy’imisukomora vyo mu karere ka Shefela+.

28 Amafarasi ya Salomo bayakura mu Misiri. Abadandaza b’umwami bagura ubusho bw’amafarasi* ku kiguzi cashinzwe+. 29 Umukogote uvuye mu Misiri wagurwa ifeza 600, ifarasi na yo ikagurwa 150. Baraheza bakabigurisha ku bami bose b’Abaheti+ n’abami ba Siriya.

11 Mugabo umwami Salomo akunda abagore benshi b’abanyamahangakazi+ hampande y’umukobwa wa Farawo+: uri Abanyamowabukazi+, Abamonikazi+, Abanyedomukazi, Abanyasidonikazi+ n’Abahetikazi+. 2 Ng’ibi ivyo Yehova yari yarabwiye Abisirayeli ku bijanye n’abava muri ayo mahanga: «Ntimuze mugirane imigenderanire* kuko batazobura guhindura imitima yanyu, mugakurikira imana zabo+.» Mugabo Salomo yarabakunze, arabumirako*. 3 Yari afise abagore 700 b’abamikazi* n’incoreke 300. Abo bagore biwe bagiye barahindura umutima wiwe buhorobuhoro*. 4 Salomo ageze mu zabukuru+, abagore biwe barahinduye* umutima wiwe akurikira izindi mana+, ntiyakorera Yehova Imana yiwe n’umutima wiwe wose* nka se Dawidi. 5 Maze Salomo atangura gusenga imanakazi y’Abanyasidoni yitwa Ashitoreti+ n’ikigirwamana gisesemye c’Abamoni citwa Milikomu+. 6 Salomo akora ivyo Yehova yabona ko ari bibi, ntiyagamburukira Yehova n’umutima wiwe wose* nka se Dawidi+.

7 Salomo aca yubaka ahantu ho gusengera+ ikigirwamana gisesemye c’Abanyamowabu citwa Kemoshi ku musozi warabana n’i Yeruzalemu, yubakira n’ikigirwamana gisesemye c’Abamoni citwa Moleki*+. 8 Ukwo ni ko yagiriye abagore biwe bose b’abanyamahangakazi bashikanira imana zabo ibimazi bigafumba umwotsi.

9 Yehova ashavurira cane Salomo kubera ko umutima wiwe utari ukiri kuri Yehova Imana ya Isirayeli+, umwe yamubonekera incuro zibiri+, 10 akamugabisha kuri ico kintu nyene, yuko adakwiye gusenga izindi mana+. Mugabo ntiyakurikije ivyo Yehova yategetse. 11 Maze Yehova abwira Salomo ati: «Ko wakoze ivyo, ntiwubahirize isezerano ryanje n’ivyo nagutegetse, sinzogenda ntagushikuye ubwami ndabuhe umwe mu basuku bawe+. 12 Ariko sinzobikora ukiriho kubera so Dawidi. Nzobushikura umuhungu wawe+. 13 Mugabo sinzomushikura ubwami bwose+. Nzomusigira umuryango umwe+ kubera umusavyi wanje Dawidi no kubera Yeruzalemu igisagara natoye+.»

14 Maze Yehova atuma Hadadi aba umwansi wa Salomo+. Yari Umunyedomu ava mu muryango wa cami wo muri Edomu+. 15 Igihe Dawidi yatsinda Abanyedomu+, Yowabu umukuru w’ingabo yagiye guhamba abaguye ku rugamba, atangura kwica uw’igitsina-gabo wese muri Edomu. 16 (Yowabu n’ingabo zose za Isirayeli bamazeyo amezi atandatu, gushika ahoneje uw’igitsina-gabo wese muri Edomu.) 17 Mugabo Hadadi ahungana n’abasuku bakeyi b’Abanyedomu bakorera se, baja mu Misiri. Ico gihe Hadadi yari agahungu gatoyi. 18 Bava rero i Midiyani* baja i Parani, maze bahitana abagabo i Parani+ baraheza baja mu Misiri kwa Farawo umwami wa Misiri. Umwami amuha inzu n’itongo, ategeka kandi ko baza baramuha imfungurwa. 19 Farawo yarakunze cane Hadadi ku buryo amuha mwenewabo n’umugore wiwe ngo bubakane. Muka Farawo, ari we mwamikazi*, yitwa Tahupenesi. 20 Mu nyuma mwenewabo na Tahupenesi avyarira Hadadi umuhungu yitwa Genubati, maze Tahupenesi amutwara kumurerera* ku kirimba kwa Farawo. Genubati aguma kwa Farawo, akurana n’abana biwe.

21 Hadadi ari mu Misiri yumva yuko Dawidi yapfuye+ be n’uko Yowabu umukuru w’ingabo na we nyene yapfuye+. Hadadi abwira rero Farawo ati: «Nkundira nje mu gihugu iwacu.» 22 Mugabo Farawo amubwira ati: «Hari ico wabuze aha iwanje aho urondera gusubira mu gihugu iwanyu?» Amwishura ati: «Nta na kimwe, ariko ndakwinginze undeke ngende.»

23 Imana ituma haza uwundi mwansi arwanya Salomo+. Yitwa Rezoni akaba yari mwene Eliyada. Rezoni yari yarahunze shebuja Hadadezeri+ umwami w’i Zoba. 24 Igihe Dawidi yatsinda* abantu b’i Zoba+, Rezoni yaciye arondera abagabo bamwiyungako, kaba akagwi k’abambuzi, na we aba umukuru wako. Baja rero i Damasiko+ bagumayo, maze batangura kuganza aho i Damasiko. 25 Rezoni aguma arwanya Isirayeli mu kiringo cose Salomo yamaze aganza, akora amabi yiyongera ku yo Hadadi yakoze. Rezoni aguma yanka urunuka Isirayeli mu kiringo cose yamaze aganza Siriya.

26 Mu nyuma haza Yerobowamu+ mwene Nebati, Umwefurayimu w’i Sereda. Yari umusuku wa Salomo+, nyina akaba yari umupfakazi yitwa Zeruwa. Yerobowamu na we nyene atangura kugarariza* umwami+. 27 Iki ni co catumye agarariza umwami: Salomo yari amaze kwubaka ka gasozi Milo*+, yagura n’uruzitiro rw’igisagara ca Dawidi se wiwe+. 28 Yerobowamu yari umuntu ashoboye ibikorwa. Salomo abonye ko uwo musore ari umukozi, amugira umuhagarikizi+ w’abo mu muryango wa Yozefu* bose bahamagariwe gukora ibikorwa vy’umwami. 29 Umusi umwe Yerobowamu ava i Yeruzalemu, maze ahurira ku nzira n’umuhanuzi Ahiya+ w’i Shilo. Ahiya yari yambaye impuzu nshasha, kandi abo babiri bahuriye hanze y’igisagara ari bonyene. 30 Ahiya aca afata nya mpuzu nshasha yari yambaye ayitaburamwo ibipande 12. 31 Maze abwira Yerobowamu ati:

«Tora ibipande cumi, kuko Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: “Ngira nshikure ubwami Salomo, nce ndaguha imiryango cumi+. 32 Mugabo nzomusigariza umuryango umwe+ kubera umusavyi wanje Dawidi+ no kubera Yeruzalemu igisagara natoye mu miryango yose ya Isirayeli+. 33 Nzobikora kubera ko abantu banje bantaye+, bakunamira imanakazi y’Abanyasidoni yitwa Ashitoreti, imana y’Abanyamowabu yitwa Kemoshi n’imana y’Abamoni yitwa Milikomu. Ntibagendeye mu nzira zanje ngo bakore ivyo mbona ko bigororotse, bakurikize n’amategeko yanje n’ingingo nashinze, nk’uko Dawidi se wa Salomo yabigize. 34 Mugabo sinzomwaka ubwami bwose, kandi nzomureka agume atwara igihe cose azoba akiriho. Nzobigira kubera Dawidi umusavyi wanje natoye+ kuko yagamburutse amabwirizwa yanje n’ivyagezwe vyanje. 35 Mugabo nzokwaka ubwami umuhungu wiwe ndabuguhe, utware imiryango cumi+. 36 Umuhungu wiwe nzomuha umuryango umwe, kugira ngo umusavyi wanje Dawidi aze yamane itara* imbere yanje i Yeruzalemu+, igisagara nitoreye ngo citirirwe izina ryanje. 37 Ni wewe nzotora uganze abo ushaka* bose, ube umwami wa Isirayeli. 38 Niwagamburuka ivyo ndagutegeka vyose, ukagendera mu nzira zanje, ugakora ivyo mbona ko bigororotse mu gukurikiza ivyagezwe vyanje n’amabwirizwa yanje nk’umusavyi wanje Dawidi+, nanje nzobana nawe. Nzotuma umuryango wawe uguma ukomokamwo abami nk’uko nabigiriye Dawidi+, kandi nzoguha Isirayeli. 39 Nzomaramaza uruvyaro rwa Dawidi kubera ivyo bakoze+, mugabo si ko bizokwama+.”»

40 Maze Salomo arondera kwica Yerobowamu, ariko Yerobowamu ahungira mu Misiri kwa Shishaki+ umwami wa Misiri+. Agumayo gushika Salomo apfuye.

41 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Salomo, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose n’ubukerebutsi bwiwe, vyanditswe mu gitabu kivuga ivya Salomo+. 42 Salomo yamaze imyaka 40 aganza Isirayeli yose ari i Yeruzalemu. 43 Maze Salomo arapfa, bamuhamba mu gisagara ca Dawidi se wiwe. Umuhungu wiwe Rehobowamu+ atangura kuganza mu kibanza ciwe.

12 Rehobowamu aja i Shekemu, kuko ari ho Abisirayeli bose bari bakoraniye+ ngo bamwimike+. 2 Yerobowamu mwene Nebati aravyumva. (Ico gihe yari akiri mu Misiri kuko yari yarahunze umwami Salomo agumayo+.) 3 Maze bamutumako. Nuko Yerobowamu n’ishengero ryose rya Isirayeli baza kwa Rehobowamu bamubwira bati: 4 «So yatwikoreje umutwaro utoroshe+. Niwaturemurura ibikorwa biruhisha so yadukoresha n’uwo mutwaro utoroshe* yatwikoreje, tuzoheza tugukorere.»

5 Na we ababwira ati: «Nimugende muzogaruke inyuma y’imisi itatu.» Baca baragenda+. 6 Maze umwami Rehobowamu agisha inama abagabo b’inararibonye* bari barakoreye se Salomo akiriho, ababwira ati: «Aba bantu mumpanuye ndabishure gute?» 7 Bamwishura bati: «Niwemera kuba umusuku wabo, ugakora ivyo bagusavye, ukabishurana umutima mwiza, bazokwama bagukorera.»

8 Ariko yanka kwumvira impanuro abagabo b’inararibonye* bamuhaye, agisha inama imisore bakuranye yari isigaye imukorera+. 9 Ababaza ati: «Aba bantu bambwiye ngo ndabaremurure umutwaro dawe yabikoreje. None mumpanuye tubishure gute?» 10 Iyo misore bakuranye imwishura iti: «Abo bantu bakubwiye ngo ubaremurure umutwaro utoroshe so yabikoreje, uze ubabwire uti: “Urutoke rwanje rw’uruhererezi ruzoba runini kuruta amafyinga ya dawe. 11 Dawe yabikoreje umutwaro utoroshe, jeho nzorushiriza. Dawe yabahanisha ibimoko bisanzwe, jeho nzobahanisha ibimoko bibabaza cane*.”»

12 Ku musi ugira gatatu Yerobowamu n’abandi bose bagaruka ku mwami Rehobowamu, kuko yari yababwiye ati: «Muze mugaruke ku musi ugira gatatu+.» 13 Mugabo umwami abishura abakarira cane, ntiyakurikiza impanuro abagabo b’inararibonye* bari bamuhaye. 14 Yakurikije impanuro ya misore yamuha, ababwira ati: «Dawe yabikoreje umutwaro utoroshe, jeho nzorushiriza. Dawe yabahanisha ibimoko bisanzwe, jeho nzobahanisha ibimoko bibabaza cane.» 15 Nuko umwami yanka kwumviriza abantu, kuko Yehova ari we yashaka ko bigenda ukwo+. Kwari ukugira ngo ivyo Yehova yari yarabwiye Yerobowamu mwene Nebati biciye kuri Ahiya+ w’i Shilo biranguke.

16 Abisirayeli bose babonye yuko umwami yanse kubumviriza, bamwishura bati: «Mbega Dawidi hari ico duhuriyeko? Hari intoranwa tuzoronka kuri mwene Yese? Nimwisubirire ku mana zanyu yemwe Bisirayeli! Namwe abakomoka kuri Dawidi* musigare murimenya n’umuryango wanyu!» Abisirayeli baca baritahira*+. 17 Mugabo Rehobowamu abandanya kuganza Abisirayeli baba mu bisagara vy’Ubuyuda+.

18 Mu nyuma umwami Rehobowamu arungika Adoramu+ ku Bisirayeli*, akaba yari ahagarikiye abahamagariwe gukora ibikorwa vy’umwami. Mugabo bose bamutera amabuye, arapfa. Umwami Rehobowamu we, vyarakunze ko yurira mu mukogote wiwe, ahungira i Yeruzalemu+. 19 Abisirayeli babandanya kugarariza+ umuryango wa Dawidi gushika n’uyu musi.

20 Abisirayeli bose bakimara kwumva ko Yerobowamu yagarutse, bamutumako aho bari bakoraniye, baramwimika ngo aganze Isirayeli yose+. Nta n’umwe yari akiyoboka abakomoka kuri Dawidi kiretse abo mu muryango wa Yuda+.

21 Rehobowamu ashitse i Yeruzalemu, aca akoranya abo mu muryango wa Yuda bose n’abo mu muryango wa Benyamini. Yakoranije abarwanyi 180.000 bamenyerejwe*, kugira barwanye Abisirayeli basubize ubutegetsi Rehobowamu mwene Salomo+. 22 Maze Imana y’ukuri ibwira Shemaya+ umuntu w’Imana y’ukuri iti: 23 «Bwira Rehobowamu mwene Salomo umwami w’Ubuyuda, ubwire n’abantu bose bo mu muryango wa Yuda n’uwa Benyamini be n’abandi bantu bose uti: 24 “Yehova avuze ati: ‘Ntimuje kurwanya Abisirayeli benewanyu. Umwe wese nasubire iwe kuko ari je natumye ibintu bigenda ukwo+.’”» Nuko bagamburukira Yehova barataha, nk’uko Yehova yari abibabwiye.

25 Maze Yerobowamu asubira kwubaka* igisagara ca Shekemu+ kiri mu karere k’imisozi ka Efurayimu, araheza abayo. Hanyuma aja mu gisagara ca Penuweli+ asubira kucubaka*. 26 Yerobowamu yaguma yibwira mu mutima ati: «Ubwami buzohava busubira mu muryango wa Dawidi+. 27 Aba bantu nibabandanya kuduga i Yeruzalemu gutanga ibimazi ku nzu ya Yehova+, umutima wabo uzohava usubira kuri shebuja Rehobowamu, umwami w’Ubuyuda. Ntibazogenda batanyishe bisubirire kwa Rehobowamu umwami w’Ubuyuda.» 28 Umwami amaze guhanuza abajanama biwe, akora inyana zibiri z’inzahabu+ aca abwira abantu ati: «Yaco muza muriruhisha muduga i Yeruzalemu. Ng’iyi Imana yawe, ewe Isirayeli, yakuduganye ikagukura mu gihugu ca Misiri+.» 29 Maze inyana imwe ayishira i Beteli+, iyindi na yo ayishira i Dani+. 30 Ivyo vyatumye Abisirayeli bacumura+. Baragenda bagashika i Dani bagiye gusenga inyana yariyo.

31 Nuko Yerobowamu yubaka utuzu tw’ibigirwamana mu bibanza vyo gusengeramwo*, agena n’abaherezi akuye mu bantu basanzwe, atari Abalewi+. 32 Yerobowamu atanguza n’umusi mukuru mu kwezi kugira umunani, ku musi ugira 15 w’ukwo kwezi, umeze nk’umusi mukuru wahimbazwa mu Buyuda+. Ashikana ibimazi ku gicaniro yubatse i Beteli+, abishikanira za nyana yari yarakoze. Agena n’abaherezi bo gukorera i Beteli mu bibanza vyo gusengeramwo yari yaratunganije. 33 Yerobowamu atangura rero gushikana amashikanwa ku gicaniro yari yarubatse i Beteli, ku musi ugira 15 w’ukwezi kw’umunani. Ni we yahisemwo ukwo kwezi. Atanguza uwo musi mukuru kugira Abisirayeli bazoze barawuhimbaza, atanga n’amashikanwa kuri nya gicaniro umwotsi urafumba.

13 Maze umuntu umwe w’Imana+ ava mu Buyuda aza i Beteli, arungitswe na Yehova. Yahashitse Yerobowamu ahagaze iruhande y’igicaniro+ agira atange ibimazi ngo bifumbe umwotsi*. 2 Maze arasemerera abwira nya gicaniro ivyo Yehova yamutegetse kuvuga, akibwira ati: «Ewe wa gicaniro, wa gicaniro! Yehova avuze ati: “Hari umuhungu yitwa Yosiya+ azovuka mu muryango wa Dawidi. Azogutangako abaherezi bakorera mu bibanza vyo gusengeramwo*, babe ibimazi. Ni bamwe bagutangako ibimazi bigafumba umwotsi. Azoturirira n’amagufa y’abantu kuri wewe+.”» 3 Kuri uwo musi nyene, uwo muntu w’Imana atanga ikimenyetso*, avuga ati: «Ng’iki ikimenyetso* Yehova atanze: iki gicaniro kigira gisaduke, iminyota* iri kuri co iseseke.»

4 Umwami Yerobowamu akimara kwumva ivyo uwo muntu w’Imana y’ukuri asemereye abwira ico gicaniro cari i Beteli, akura ukuboko ku gicaniro amutunga urutoke*, avuga ati: «Mufate+!» Ukwo kuboko yari amurabishijeko guca kuradadarara*, biranka ko akugarukana+. 5 Nya gicaniro gica kirasaduka, iminyota yari kuri co iraseseka. Cari ca kimenyetso* uwo muntu w’Imana y’ukuri yari ahejeje gutanga kivuye kuri Yehova.

6 Umwami aca abwira nya muntu w’Imana y’ukuri ati: «Ndakwinginze utakambire Yehova Imana yawe, umusabe akize ukuboko kwanje+.» Uwo muntu w’Imana y’ukuri aca atakambira Yehova, maze ukuboko kw’umwami gusubira kumera uko kwahora. 7 Umwami araheza abwira uwo muntu w’Imana y’ukuri ati: «Ingo tujane iwanje ndaguhe utwo utamira, ndaguhe n’ingabire.» 8 Mugabo nya muntu w’Imana y’ukuri yishura umwami ati: «Naho wompa ica kabiri c’ivyo utunze*, sinojana nawe ngo ngire ico ndira canke nywera aha hantu. 9 Kuko Yehova yantegetse ati: “Ntihaze hagire ico urya canke unywa*, kandi ntuze usubire inyuma uciye mu nzira wazananye.”» 10 Aca aragenda, ajana iyindi nzira. Ntiyasubiye inyuma aciye mu nzira yari yazananye mu kuza i Beteli.

11 Aho i Beteli hari umuhanuzi w’umutama. Abahungu biwe batashe, bamubwira ibintu vyose wa muntu w’Imana y’ukuri yakoreye i Beteli uwo musi n’ivyo yabwiye umwami. Bamaze kubimwiganira, 12 ababaza ati: «Yajanye inzira iyihe?» Abahungu biwe baca bamwereka inzira uwo muntu w’Imana y’ukuri yaje ava mu Buyuda yajanye. 13 Maze abwira abahungu biwe ati: «Nimuntegurire indogobwa.» Barayimutegurira, aca ayurirako.

14 Nuko akurikira wa muntu w’Imana y’ukuri, amusanga aho yicaye munsi y’igiti kinini. Maze amubaza ati: «Woba uri wa muntu w’Imana y’ukuri yavuye mu Buyuda+?» Na we ati: «Ni jewe.» 15 Uwo muhanuzi amubwira ati: «Ingo tujane muhira nguhe ico ufungura.» 16 Ariko amwishura ati: «Sinshobora gusubirana inyuma nawe canke ngo nze iwawe. Sinshobora no gusangira nawe ngo ngire ico ndira canke nywera muri aka karere. 17 Kuko Yehova yambwiye ati: “Ntihaze hagire ico urirayo canke unywerayo*, kandi ntuze usubire inyuma uciye mu nzira wazananye.”» 18 Wa muhanuzi aca amubwira ati: «Nanje ndi umuhanuzi nkawe, kandi Yehova yatumye umumarayika wiwe kumbwira ati: “Genda umugarukane aze iwawe kugira umuhe ico afungura n’ico anywa*.”» (Yariko aramuhenda.) 19 Uwo muntu w’Imana aca asubirana inyuma n’uwo muhanuzi, bajana iwe, ararya aranywa.

20 Bari ku meza, ijambo rya Yehova riza kuri uwo muhanuzi yari yamusubije inyuma. 21 Maze abwira n’ijwi ryo hejuru uwo muntu w’Imana y’ukuri yari yavuye mu Buyuda ati: «Yehova avuze ati: “Ko wagararije itegeko rya Yehova, ukarenga ku vyo Yehova Imana yawe yari yagutegetse, 22 ugasubira inyuma, ukarira ukongera ukanywera aha hantu, kandi yari yakubwiye ati: ‘Ntihaze hagire ico urya canke ico unywa*’, umuvyimba wawe ntibazowuhamba aho bahamvye ba sokuruza bawe+.”»

23 Uwo muntu w’Imana y’ukuri amaze kurya no kunywa, uwo muhanuzi w’umutama aca amutegurira indogobwa*. 24 Maze afata inzira aragenda mugabo ahura n’intambwe iramwica+, umuvyimba wiwe uguma aho ku nzira. Nya ndogobwa n’iyo ntambwe biguma bihagaze iruhande yawo. 25 Maze abantu bariko bararengana babona nya muvyimba uri aho ku nzira, na ya ntambwe ihagaze iruhande yawo. Bashitse mu gisagara wa muhanuzi w’umutama yabamwo, batangura kuvyiganira abantu.

26 Wa muhanuzi yari yamusubije inyuma avyumvise, aca avuga ati: «Ni wa muntu w’Imana y’ukuri yagarariza itegeko rya Yehova+. Yehova yarungitse intambwe ngo imutabagure, imwice, nk’uko nyene Yehova yari yabimubwiye+.» 27 Aca abwira abahungu biwe ati: «Nimuntegurire indogobwa.» Nuko barayimutegurira. 28 Maze aragenda, asanga wa muvyimba ku nzira, ya ndogobwa na ya ntambwe bihagaze iruhande yawo. Iyo ntambwe ntiyariye uwo muvyimba canke ngo itabagure iyo ndogobwa. 29 Uwo muhanuzi aca aterura umuvyimba wa nya muntu w’Imana y’ukuri, awushira ku ndogobwa. Araheza amugarukana mu gisagara abamwo kugira ngo amuririre yongere amuhambe. 30 Amuhamba mu mva yiwe maze baramuborogera bavuga bati: «Yoo, birababaje mwenewacu, birababaje!» 31 Bamaze kumuhamba, uwo muhanuzi abwira abahungu biwe ati: «Ninapfa muze mumpambe aho uyu muntu w’Imana y’ukuri yahambwe. Amagufa yanje muze muyashire iruhande y’ayiwe+. 32 Kuko ivyo Yehova yamutegetse kubwira ca gicaniro kiri i Beteli na twa tuzu tw’ibigirwamana two mu bibanza vyo gusengeramwo+ biri mu bisagara vyo mu karere ka Samariya, bizoranguka ata kabuza+.»

33 Naho ivyo vyose vyabaye, Yerobowamu ntiyahevye ibintu bibi yakora. Ahubwo yagumye agena abaherezi bo gukorera mu bibanza vyo gusengeramwo, abatoye mu bantu basanzwe+. Uwubishaka wese yaramwemerera kuba umuherezi*, akavuga ati: «Niyibere umuherezi wo mu bibanza vyo gusengeramwo+.» 34 Ico gicumuro abo mu muryango wa Yerobowamu bakoze+, catumye bahona, barazimangana kw’isi+.

14 Ico gihe Abiya mwene Yerobowamu ararwara. 2 Yerobowamu abwira rero umugore wiwe ati: «Ndagusavye ugende wiyoberanye, kugira ngo ntihagire uwumenya ko uri umugore wanje maze uje i Shilo. Ni yo usanga umuhanuzi Ahiya. Ni we yavuze ko nzoba umwami w’aba bantu+. 3 Genda utwaye imikate cumi n’utundi dukate tumijagiyeko udutete be n’agakarabo k’ubuki, uheze uje iwe. Arakubwira ibizoshikira uyu muhungu wacu.»

4 Umugore wa Yerobowamu aca akora ivyo amubwiye. Afata urugendo aja i Shilo+, ashika kwa Ahiya. Ahiya yari yarahumye atakibona kubera ubusaza.

5 Ariko Yehova yari yabwiye Ahiya ati: «Umugore wa Yerobowamu araje kukubaza ibijanye n’umuhungu wiwe kuko arwaye. Ndaza kukubwira ivyo umwishura*. Aza kuza yiyoberanije.»

6 Ahiya akimara kwumva ibirenge vyiwe yinjiye mu muryango, avuga ati: «Shika shika mugore wa Yerobowamu. Kubera iki wiyoberanije? Erega ndagufitiye ubutumwa bukaze. 7 Genda ubwire Yerobowamu uti: “Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: ‘Nagukuye mu bandi ndakuduza, ndakugira indongozi y’abantu banje b’Abisirayeli+. 8 Naciye nshikura ubwami umuryango wa Dawidi ndabuguha+, ariko ntiwabaye nk’umusavyi wanje Dawidi. We yarakurikije amabwirizwa yanje, ankorera* n’umutima wiwe wose, akora gusa ivyo mbona ko bigororotse+. 9 Mugabo wewe wakoze ibibi kurusha ababayeho imbere yawe bose, wihingurira iyindi mana n’ibishusho bikoze mu cuma* kugira umbabaze+, maze untera ibitugu+. 10 Ngomba rero nteze ivyago umuryango wa Yerobowamu. Nzozimanganya muri Isirayeli abantu bose b’igitsina-gabo* bo mu muryango wiwe, nzimanganye na nyarucari be n’uwutagira gitabara. Nzokubura abo mu muryango wa Yerobowamu+, ndabakureho nka kurya umuntu akuraho amase ntihagire n’agasigara. 11 Uwo mu muryango wa Yerobowamu azopfira mu gisagara, imbwa zizomurya. Uwuzopfira mu gahinga na we, ibinyoni vyo mu kirere bizomurya. Ni jewe Yehova ndabivuze.’”

12 Haguruka rero utahe iwawe. Niwashika mu gisagara, umwana wawe aca apfa. 13 Abisirayeli bose bazomuririra, bamuhambe. Ni we wenyene mu muryango wa Yerobowamu azohambwa mu mva kubera ari we gusa Yehova Imana ya Isirayeli yabonyemwo iciza mu bo mu muryango wa Yerobowamu. 14 Yehova azokwironderera uwundi mwami aganza Isirayeli. Umusi uri izina, uwo mwami azorandura umuryango wa Yerobowamu+, mbere n’ubu yobigira. 15 Yehova azohana Abisirayeli bamere nk’irenga rizungagizwa n’amazi. Azobarandura abakure mu gihugu ciza yahaye ba sekuruza+, abashwiragirize hakurya ya rwa ruzi runini*+ kubera ko bakoze inkingi nyeranda z’ibiti*+, bakababaza Yehova. 16 Azoheba Abisirayeli kubera ibicumuro Yerobowamu yakoze, agatuma n’Abisirayeli babikora+.»

17 Nuko umugore wa Yerobowamu arahaguruka afata inzira, ashika i Tiruza. Agishika ku muryango iwe, wa muhungu aca arapfa. 18 Maze baramuhamba, Abisirayeli bose baramuririra, nk’uko Yehova yari yabivuze biciye ku musavyi wiwe Ahiya wa muhanuzi.

19 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Yerobowamu, ni ukuvuga ukuntu yarwanye intambara+ n’ukuntu yaganje, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami ba Isirayeli. 20 Yerobowamu yamaze imyaka 22 aganza hanyuma arapfa+. Umuhungu wiwe Nadabu aca atangura kuganza mu kibanza ciwe+.

21 Nayo Rehobowamu mwene Salomo, yari umwami aganza Ubuyuda. Yari afise imyaka 41 igihe yatangura kuganza, amara imyaka 17 aganza i Yeruzalemu, igisagara Yehova yari yaratoye+ mu miryango yose ya Isirayeli kugira ngo citirirwe izina ryiwe+. Nyina wa Rehobowamu yari Umwamonikazi yitwa Nayama+. 22 Ico gihe, abo mu Buyuda baguma bakora ivyo Yehova abona ko ari bibi+ ku buryo ibicumuro vyabo bimushavuza cane kuruta ivyo ba sekuruza bakoze+. 23 Abo mu Buyuda na bo nyene baguma bitunganiriza ibibanza vyo gusengeramwo*, bagashinga n’inkingi nyeranda z’amabuye* n’iz’ibiti+ ku misozi+ yose no munsi y’ibiti bitotahaye+ vyose. 24 Muri ico gihugu, hariyo n’abamaraya b’abagabo* mu bibanza vyo gusengeramwo*+. Ababa mu Buyuda bakora ibintu vyose bishisha vyakorwa n’amahanga Yehova yari yaromoye, akabisa Abisirayeli.

25 Mu mwaka ugira gatanu umwami Rehobowamu aganza, Shishaki+ umwami wa Misiri aduga gutera Yeruzalemu+. 26 Atwara amatungo yari mu nzu ya Yehova n’ayari mu nzu* y’umwami+. Atwara ibintu vyose, harimwo na za nkinzo zose z’inzahabu Salomo yari yarakoze+. 27 Umwami Rehobowamu akora rero inkinzo z’umujumpu zisubirira izo z’inzahabu. Maze azizeza abakuru b’abarinzi* barinda ubwinjiriro bw’inzu y’umwami. 28 Igihe cose umwami yaba aje ku nzu ya Yehova, abo barinzi barazitora mu nyuma bakazisubiza mu cumba c’abarinzi.

29 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Rehobowamu, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami b’Ubuyuda+. 30 Hagati ya Rehobowamu na Yerobowamu hama intambara+. 31 Maze Rehobowamu arapfa hanyuma bamuhamba hamwe na ba sekuruza mu gisagara ca Dawidi+. Nyina yari Umwamonikazi yitwa Nayama+. Nuko umuhungu wiwe Abiyamu*+ atangura kuganza mu kibanza ciwe.

15 Abiyamu yatanguye kuganza Ubuyuda mu mwaka ugira 18 umwami Yerobowamu+ mwene Nebati aganza+. 2 Yamaze imyaka itatu aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Mayaka+, akaba yari umwuzukuru wa Abishalomu*. 3 Yagumye akora ibicumuro vyose se yari yarakoze. Ntiyakoreye Yehova Imana yiwe n’umutima wiwe wose* nka sekuruza Dawidi. 4 Mugabo Yehova Imana ya Abiyamu yaramuhaye itara i Yeruzalemu+ mu kumuha umuhungu aganza mu kibanza ciwe no mu kureka igisagara ca Yeruzalemu kikagumaho. Yabigize kubera Dawidi+, 5 kuko Dawidi yakoze ivyo Yehova abona ko bigororotse. Imisi yose y’ubuzima bwiwe ntiyigeze arenga ku kintu na kimwe yari yaramutegetse, kiretse ivyo yakoreye Uriya Umuheti+. 6 Igihe cose Rehobowamu yamaze aganza, hamyeho intambara hagati yiwe na Yerobowamu+.

7 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Abiyamu, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami b’Ubuyuda+. Hagati ya Abiyamu na Yerobowamu, na ho nyene harabaye intambara+. 8 Maze Abiyamu arapfa, bamuhamba mu gisagara ca Dawidi. Umuhungu wiwe Asa+ aca atangura kuganza mu kibanza ciwe+.

9 Mu mwaka ugira 20 Yerobowamu umwami wa Isirayeli aganza, Asa atangura kuganza Ubuyuda. 10 Yamaze imyaka 41 aganza i Yeruzalemu. Inakuru yitwa Mayaka+, akaba yari umwuzukuru wa Abishalomu. 11 Asa yakoze ivyo Yehova abona ko bigororotse+ nka sekuruza Dawidi. 12 Yaromoye mu gihugu abamaraya b’abagabo* bo mu bibanza vyo gusengeramwo*+, akuraho n’ibigirwamana bisesemye* ba sekuruza bari barakoze+. 13 Yaranakuye inakuru Mayaka+ mu kibanza co kuba umugabekazi*, kuko yari yarakoze ikigirwamana giteye isoni yakoresha mu gusenga inkingi nyeranda y’igiti*. Ico kigirwamana giteye isoni Asa yaragisituye+, maze agituririra mu mwonga Kidironi+. 14 Mugabo ibibanza vyo gusengeramwo* ntivyakuweho+. Naho ari ukwo, Asa yagumye akorera Yehova n’umutima wiwe wose*, mu buzima bwiwe* bwose. 15 Yarazanye mu nzu ya Yehova ibintu se yari yareguriye Imana n’ivyo we ubwiwe yeguriye Imana: uri ifeza, inzahabu n’ibindi bikoresho+.

16 Hagati ya Asa na Bayasha umwami wa Isirayeli hama intambara+. 17 Bayasha umwami wa Isirayeli aza gutera Ubuyuda, maze yubaka* igisagara ca Rama+ kugira ngo ntihagire uwuva canke uwuja* mu karere Asa umwami w’Ubuyuda yatwara+. 18 Asa aca afata ifeza zose n’inzahabu zose vyari bisigaye mu bubiko bw’itunga ry’inzu ya Yehova no mu bubiko bw’itunga ry’inzu* y’umwami, abiha abasuku biwe. Umwami Asa aca abatuma kuri Beni-Hadadi umwami wa Siriya+ yaba i Damasiko. Beni-Hadadi yari mwene Taburimoni, Taburimoni mwene Heziyoni. Abatuma kumubwira ngo: 19 «Twe nawe dufitaniye amasezerano nk’uko dawe na so bari bafitaniye amasezerano. Ehe raba nkurungikiye ingabire y’ifeza n’inzahabu. Ndagusavye rero uhagarike amasezerano ufitaniye na Bayasha umwami wa Isirayeli, ndabe ko yomvira mu karere.» 20 Nuko Beni-Hadadi yemera ivyo umwami Asa amusavye, arungika abakuru b’ingabo ziwe gutera ibisagara vyo muri Isirayeli. Bafata ahitwa Iyoni+, Dani+, Abeli-Beti-Mayaka, intara yose ya Kinereti n’akarere kose ka Nafutali. 21 Bayasha akivyumva, aca areka kwubaka* igisagara ca Rama, maze abandanya kuba i Tiruza+. 22 Umwami Asa ni kwo guca atumako abo mu Buyuda bose ata n’umwe avuyemwo, maze baseha amabuye n’ibiti Bayasha yariko yubakisha igisagara ca Rama. Umwami Asa aca avyubakisha* igisagara ca Geba+ kiri mu karere ka Benyamini n’ica Mizipa+.

23 Nayo ibisigaye vyose ku vyerekeye Asa, ni ukuvuga ububasha bwose yerekanye, ivyo yakoze vyose n’ibisagara yubatse*, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami b’Ubuyuda. Mugabo amaze gusaza yararwaye ibirenge+. 24 Maze Asa arapfa, bamuhamba hamwe na ba sekuruza mu gisagara ca Dawidi sekuruza. Umuhungu wiwe Yehoshafati+ aca atangura kuganza mu kibanza ciwe.

25 Mu mwaka ugira kabiri Asa umwami w’Ubuyuda aganza, Nadabu+ mwene Yerobowamu aba umwami wa Isirayeli. Yamaze imyaka ibiri aganza Isirayeli. 26 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi, akurikira akarorero kabi ka se+, akora n’ibicumuro se yakoze agatuma n’Abisirayeli babikora+. 27 Maze Bayasha mwene Ahiya wo mu muryango wa Isakari ategura umugambi wo kurwanya Nadabu, araheza amwicira mu gisagara ca Gibetoni+ caganzwa n’Abafilisitiya. Ico gihe Nadabu n’Abisirayeli bose bari bugarije ico gisagara. 28 Bayasha yamwishe mu mwaka ugira gatatu Asa umwami w’Ubuyuda aganza, aca atangura kuganza mu kibanza ciwe. 29 Akimara kuba umwami, yica abo mu muryango wa Yerobowamu bose, ntihagira n’umwe asigaza*. Yarabazimanganije nk’uko Yehova yari yarabivuze biciye ku musavyi wiwe Ahiya w’i Shilo+. 30 Ivyo vyabaye kubera ibicumuro Yerobowamu yakoze agatuma n’Abisirayeli babikora, no kubera yababaje cane Yehova Imana ya Isirayeli. 31 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Nadabu, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami ba Isirayeli. 32 Hagati ya Asa na Bayasha umwami wa Isirayeli hama intambara+.

33 Bayasha mwene Ahiya yabaye umwami mu mwaka ugira gatatu Asa umwami w’Ubuyuda aganza. Yamaze imyaka 24 aganza Isirayeli yose i Tiruza+. 34 Mugabo yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi+. Akurikira akarorero kabi ka Yerobowamu, akora n’ibicumuro Yerobowamu yakoze agatuma n’Abisirayeli babikora+.

16 Ng’uru urubanza Yehova yaciriye Bayasha biciye kuri Yehu+ mwene Hanani+: 2 «Nagukuye mu mukungugu ndakuduza, nkugira indongozi y’abantu banje b’Abisirayeli+. Mugabo wagumye ukurikira akarorero kabi ka Yerobowamu, utuma abantu banje b’Abisirayeli bacumura, ibicumuro vyabo birambabaza+. 3 Ni co gituma ngira ndagukuburane n’umuryango wawe, ewe Bayasha, ntihagire n’igisigara. Umuryango wawe nzowugira nk’uko nagize umuryango wa Yerobowamu+ mwene Nebati. 4 Ewe Bayasha, umuntu wese wo mu muryango wawe azopfira mu gisagara, imbwa zizomurya. Uwuzopfira mu gahinga na we, ibinyoni vyo mu kirere bizomurya.»

5 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Bayasha, ni ukuvuga ivyo yakoze n’ububasha yerekanye, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami ba Isirayeli. 6 Nuko Bayasha arapfa bamuhamba i Tiruza+ maze umuhungu wiwe Ela atangura kuganza mu kibanza ciwe. 7 Yehova yaciriye urubanza Bayasha n’umuryango wiwe biciye ku muhanuzi Yehu mwene Hanani kubera ibibi vyose yakoreye imbere ya Yehova. Yakoze nk’ivyo abo mu muryango wa Yerobowamu bakoze, ababaza Imana. Ikindi catumye amucira urubanza ni uko yishe Nadabu+.

8 Mu mwaka ugira 26 Asa umwami w’Ubuyuda aganza, ni ho Ela mwene Bayasha yaba umwami wa Isirayeli i Tiruza. Yaganje imyaka ibiri. 9 Umusuku wiwe Zimuri yari umukuru w’ica kabiri c’ingabo zirwanira ku mikogote. Nuko Zimuri ategura umugambi wo kugirira nabi umwami. Ico gihe umwami yari i Tiruza, mu nzu y’uwagaba ivyo ku kirimba i Tiruza yitwa Ariza. Yariko aranywa yaborewe. 10 Zimuri arinjira aramwica+, aca atangura kuganza mu kibanza ciwe. Hari mu mwaka ugira 27 Asa umwami w’Ubuyuda aganza. 11 Zimuri akimara kuba umwami akicara ku ntebe y’ubwami, yica abo mu muryango wa Bayasha bose. Nta muntu n’umwe w’igitsina-gabo* yamusigarije, haba mu b’iwabo* canke mu bagenzi biwe. 12 Zimuri azimanganya rero umuryango wose wa Bayasha, nk’uko Yehova yari yabivuze mu rubanza yaciriye Bayasha biciye ku muhanuzi Yehu+. 13 Ivyo yabigize kubera ibicumuro vyose Bayasha n’umuhungu wiwe Ela bakoze bagatuma n’Abisirayeli bacumura. Bacumuje Abisirayeli mu gusenga ibigirwamana ata co bimaze, bababaza Yehova Imana ya Isirayeli+. 14 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Ela, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami ba Isirayeli.

15 Mu mwaka ugira 27 Asa umwami w’Ubuyuda aganza, ni ho Zimuri yaba umwami i Tiruza, aganza imisi indwi. Ico gihe abasoda b’Abisirayeli bari hafi y’igisagara ca Gibetoni+ kugira bagitere. Ico gisagara caganzwa n’Abafilisitiya. 16 Maze abo basoda bumva yuko Zimuri yari yateguye umugambi wo kugirira nabi umwami kandi ko yari yamwishe. Uwo musi nyene abasoda bose b’Abisirayeli* baca bimika umukuru w’ingabo yitwa Omuri+ ngo abe ari we aganza Isirayeli. Bamwimikiye aho nyene bari bakambitse. 17 Omuri n’abasoda bose b’Abisirayeli* bari kumwe na we, bava i Gibetoni baja kwugariza igisagara ca Tiruza. 18 Zimuri abonye ko igisagara cafashwe, aca yinjira mu munara ukomeye wo ku kirimba* maze aturira ico kirimba apfirayo+. 19 Ivyo vyamushikiye kubera yacumuye, agakora ivyo Yehova abona ko ari bibi, agakurikira akarorero kabi ka Yerobowamu. Ikindi catumye bimushikira ni uko yatumye Abisirayeli bacumura+. 20 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Zimuri n’umugambi wiwe mubi, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami ba Isirayeli.

21 Ico gihe Abisirayeli baciye bicamwo kubiri. Bamwe bari bashigikiye Tibuni mwene Ginati, bagashaka kumugira umwami, abandi bagashigikira Omuri. 22 Mugabo abashigikiye Omuri bahavuye barusha inguvu abashigikiye Tibuni mwene Ginati. Maze Tibuni arapfa, Omuri aca atangura kuganza.

23 Omuri yatanguye kuganza Isirayeli mu mwaka ugira 31 Asa umwami w’Ubuyuda aganza, aca atwara imyaka 12. Yamaze imyaka itandatu aganza ari i Tiruza. 24 Yahavuye agura umusozi wa Samariya italanto* zibiri z’ifeza, awugura n’umugabo yitwa Shemeri. Yaciye ahubaka igisagara maze acita Samariya*+ afatiye kw’izina rya Shemeri nyene* uwo musozi. 25 Omuri yaguma akora ivyo Yehova abona ko ari bibi, agakora nabi kurusha ababayeho imbere yiwe+ bose. 26 Yagumye akora nk’ivyo Yerobowamu mwene Nebati yakoze vyose. Yakoze n’ibicumuro Abisirayeli bakoze babitumwe na Yerobowamu, bababaza Yehova Imana ya Isirayeli mu gusenga ibigirwamana vyabo ata co bimaze+. 27 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Omuri, ni ukuvuga ivyo yakoze n’ubutwari bwiwe, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami ba Isirayeli. 28 Nuko Omuri arapfa bamuhamba i Samariya maze umuhungu wiwe Ahabu+ atangura kuganza mu kibanza ciwe.

29 Ahabu mwene Omuri yabaye umwami wa Isirayeli mu mwaka ugira 38 Asa umwami w’Ubuyuda aganza. Ahabu mwene Omuri yamaze imyaka 22 aganza Isirayeli ari i Samariya+. 30 Yakoze ivyo Yehova abona ko ari bibi, arusha ababayeho imbere yiwe bose+. 31 Nk’aho umengo gukora ibicumuro nk’ivya Yerobowamu+ mwene Nebati cari ikintu gisanzwe, yageretseko atwara Yezebeli+ umukobwa wa Etibayali umwami w’Abanyasidoni+. Maze atangura gukorera Bayali+ no kuyunamira. 32 Atako yubakira Bayali igicaniro ku rusengero* rwayo+ yari yarubatse i Samariya. 33 Ahabu akora n’inkingi nyeranda y’igiti*+, akora n’ibindi bibi vyinshi kugira ababaze Yehova Imana ya Isirayeli arusha abami bose ba Isirayeli babayeho imbere yiwe.

34 Ku ntwaro ya Ahabu, Hiyeli w’i Beteli asubira kwubaka igisagara ca Yeriko. Ashinze umushinge waco, yabuze imfura yiwe Abiramu, ashizeho amarembo yaco na ho, abura umuhererezi wiwe Segubu. Ivyo Yehova yari yaravuze biciye kuri Yosuwa mwene Nuni biba birarangutse+.

17 Eliya*+ w’i Tishibe yaba mu karere ka Gileyadi+. Igihe kimwe abwira Ahabu ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, Imana ya Isirayeli nkorera*, yuko ata rume ruzoboneka canke ngo hagire imvura igwa muri iyi myaka, atari jewe ndabivuze+.»

2 Yehova abwira Eliya ati: 3 «Va ng’aha ugende werekeza mu buseruko maze winyegeze mu mwonga Keriti mu buseruko bwa Yorodani. 4 Uzoze uranywa amazi yo muri uwo mwonga kandi nzotegeka ibikona bize birakuzanira ibifungurwa+.» 5 Ubwo nyene Eliya aca aragenda akora ivyo Yehova yamubwiye, aja mu mwonga Keriti agumayo. Uwo mwonga wari mu buseruko bwa Yorodani. 6 Mu gitondo no ku mugoroba ibikona vyamuzanira umukate n’inyama kandi yanywa amazi yo muri uwo mwonga+. 7 Mugabo haheze imisi, uwo mwonga urakama+ kuko ata mvura yagwa mu gihugu.

8 Yehova aca amubwira ati: 9 «Haguruka uje mu gisagara ca Zarefati co mu karere ka Sidoni maze ugumeyo. Nzotegeka umupfakazi abayo aze arakuronsa ibifungurwa+.» 10 Nuko arahaguruka aja i Zarefati. Ashitse kw’irembo ry’igisagara abona umugore w’umupfakazi ariko atoragura udukwi. Aca aramuhamagara amubwira ati: «Ndagusavye umfashishe utuzi two kunywa+.» 11 Agiye kumuzanira amazi amubwira ati: «Ndagusavye uze unzaniye n’agakate.» 12 Na we avuga ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, yo Mana yawe, nta mukate mfise. Mfise gusa agafu gakeyi cane* kari mu mubindi munini n’utuvuta dukeyi mu gakarabo+. Ubu ndiko ntoragura udukwi dukeyi kugira nje gutegura akantu twe n’umuhungu wanje dufungura. Nta bindi tuzoronka, tuzoca dupfa.»

13 Maze Eliya amubwira ati: «Ntutinye. Genda ukore nk’uko ubivuze. Ariko ubanze utore ako gafu ufise unkorere agakate*, uce ukanzanira. Uraheza utegure ivyo wewe n’umuhungu wawe mufungura. 14 Kuko Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: “Ifu iri muri uwo mubindi munini ntizohera, n’amavuta ari muri ako gakarabo ntazohera gushika umusi jewe Yehova nzotuma imvura igwa mu gihugu+.”» 15 Nya mugore aragenda, akora ivyo Eliya amubwiye. We n’umuryango wiwe na Eliya bamara imisi myinshi baronka ivyo bafungura+. 16 Wa mubindi munini ntiwigeze uburamwo ifu, na ka gakarabo ntikigeze kaburamwo amavuta, nk’uko Yehova yari yabivuze biciye kuri Eliya.

17 Mu nyuma umuhungu w’uyo mugore yari amuhaye indaro* ararwara araremba maze arapfa*+. 18 Aca abwira Eliya ati: «Dupfa iki* ga muntu w’Imana y’ukuri? Mbega waje iwanje kunyibutsa ivyaha vyanje no kunyicira umwana+?» 19 Mugabo Eliya amubwira ati: «Mpa uwo muhungu wawe.» Maze aramuterura amuha Eliya. Eliya aca amudugana mu cumba co hejuru yararamwo, amuryamika ku buriri bwiwe+. 20 Atakambira Yehova, avuga ati: «Ewe Yehova Mana yanje+, kubera iki uteje ivyago n’uyu mupfakazi ampaye indaro mu kumwicira umwana?» 21 Maze yubama kuri nya mwana incuro zitatu atakambira Yehova, avuga ati: «Ewe Yehova Mana yanje, ndakwinginze utume uyu mwana asubira kuba muzima.» 22 Yehova araheza yumva ivyo Eliya amusavye+ maze uwo mwana asubira kuba muzima+. 23 Eliya aca atora uwo mwana, amukura muri ico cumba co hejuru, amuha nyina amubwira ati: «Ehe raba umuhungu wawe ni muzima+.» 24 Uwo mugore aca yishura Eliya ati: «Ubu ndamenye ko uri umuntu w’Imana vy’ukuri+ kandi ko ivyo Yehova avuga biciye kuri wewe ari ukuri.»

18 Haciye igihe, mu mwaka ugira gatatu+ kuva uruzuba rutanguye*, Yehova abwira Eliya ati: «Genda ubonane na Ahabu, kuko ndi mu kugwisha imvura mu gihugu+.» 2 Eliya agenda rero kubonana na Ahabu. Ico gihe inzara yari ikaze+ i Samariya.

3 Muri uwo mwanya, Ahabu ahamagara umugabo yagaba ivyo mu rugo rwiwe yitwa Obadiya. (Obadiya yaratinya cane Yehova. 4 Igihe Yezebeli+ yica abahanuzi ba Yehova, Obadiya yafashe abahanuzi 100 abanyegeza mu masenga mu migwi y’abantu 50, akaza arabaronsa umukate n’amazi.) 5 Maze Ahabu abwira Obadiya ati: «Gendagenda mu gihugu, uje ahantu hose hari amasoko y’amazi no mu myonga yose. Hari aho tworonka ivyatsi bikwiye vyo kugaburira amafarasi n’indogobwa*. Ahandiho ibitungwa vyacu vyose vyohona.» 6 Nuko bagabura akarere baza gucamwo. Ahabu ajana inzira imwe, Obadiya na we ajana iyindi, umwe wese agenda ukwiwe.

7 Obadiya ariko aragenda, Eliya aza amutumbereye. Obadiya aca aramumenya maze aramwunamira mu maso hiwe hashika hasi, avuga ati: «Uwo mbona ni wewe ga databuja Eliya+?» 8 Eliya amubwira ati: «Ni jewe. Genda ubwire shobuja ko ndi ng’aha.» 9 Mugabo Obadiya avuga ati: «Ni igicumuro ikihe nagukoreye aho undungika kwa Ahabu ngo anyice jewe umusuku wawe? 10 Ndakurahiye Yehova Imana nzima, yo Mana yawe, yuko ata hanga canke ubwami na bumwe umwami atarungitsemwo abantu kuguhiga. Abo muri ubwo bwami canke iryo hanga bavuze ngo: “Nta wuhari”, umwami yaca ababwira barahire yuko bakubuze+. 11 None nawe uriko unsaba ngo nje kumubwira ko uri ng’aha? 12 Nitwamara kuvana, impwemu ya Yehova ica ikujana+ aho ntazi. Wumva none ninabwira Ahabu ko uri ng’aha hanyuma akakubura, adaca anyica? Yamara jewe umusavyi wawe namye ntinya Yehova kuva mu buto bwanje. 13 Databuja, ntibakubwiye ivyo nakoze igihe Yezebeli yica abahanuzi ba Yehova? Naranyegeje mu masenga abahanuzi ba Yehova 100, ndabanyegeza mu migwi y’abantu 50, nkaza ndabaronsa umukate n’amazi+. 14 Ninagenda kubwira databuja yuko uri ng’aha nk’uko ubinsavye, ntagenda atanyishe.» 15 Ariko Eliya avuga ati: «Ndakurahiye Yehova Nyeningabo, we Mana nzima nkorera*, uyu musi ndabonana na shobuja.»

16 Obadiya agenda rero kubibwira Ahabu maze Ahabu aja kubonana na Eliya.

17 Ahabu akimara kubona Eliya, aca amubwira ati: «Uwo mbona ni wewe, n’ingene wakwegeye ivyago bikomeye Isirayeli?»

18 Na we amwishura ati: «Si jewe nakwegeye ivyago Isirayeli. Wewe n’abo mu nzu ya so ni mwe mwakweze ivyago, kuko mwaretse gukurikiza amabwirizwa ya Yehova mukurikira za Bayali+. 19 Koranya Abisirayeli bose duhurire ku musozi Karumeli+, ukoranye n’abahanuzi ba Bayali 450 be n’abahanuzi 400 basenga inkingi nyeranda y’igiti*+, bagaburirwa na Yezebeli*.» 20 Nuko Ahabu arungika intumwa mu Bisirayeli bose maze akoraniriza abo bahanuzi ku musozi Karumeli.

21 Eliya aca yegera abantu bose ababwira ati: «Muzogeza ryari kuba ba ntahompagaze*+? Nimba Yehova ari we Mana y’ukuri, nimumusenge+. Nimba na ho Bayali ari yo Mana y’ukuri, nimuyisenge.» Abantu ntibamwishura ijambo na rimwe. 22 Eliya yongera kubwira abantu ati: «Ni jewe jenyene nsigaye mu bahanuzi ba Yehova+, mugabo abahanuzi ba Bayali ni 450. 23 Nibatuzanire amashuri abiri. Maze batore ishuri imwe bayibage hanyuma ibihimba vyayo babishire ku nkwi, ariko ntibashireko umuriro. Nanje ndabaga iyindi shuri hanyuma ndayishire ku nkwi, mugabo sinza gushirako umuriro. 24 Muraheza mwambaze izina ry’imana yanyu+, nanje ndambaza izina rya Yehova. Imana iza kwishura ikarungika umuriro izoba ari yo Mana y’ukuri+.» Abantu bose baca bishura bati: «Ni vyiza turavyemeye.»

25 Eliya aca abwira abahanuzi ba Bayali ati: «Ko ari mwe muri benshi, ba ari mwe mutangura gutora ishuri muheze muyibage. Muce mwambaza izina ry’imana yanyu, mugabo ntimushireko umuriro.» 26 Nuko bafata ishuri batoye barayibaga, maze bambaza izina rya Bayali kuva mu gitondo gushika mu masasita bavuga bati: «Ewe Bayali, nutwishure!» Mugabo babura ikibishura, ntihagira n’ijwi bumva+. Baguma bacumbagira irya n’ino y’igicaniro bari bakoze. 27 Nko mu masasita Eliya atangura kubatwenga, avuga ati: «Erega nimuhamagare n’ijwi ryanyu ryose. None si imana+? Ishobora kuba yatwawe n’ivyiyumviro canke ikaba yagiye kwituma*. Canke wosanga isinziriye bikenewe ko bayivyura!» 28 Baguma bahamagara n’ijwi ryabo ryose bongera bikebaguza ibibugita* n’amacumu nk’uko babigira mu migenzo yabo. Barabandanya gushika n’aho bava amaraso umubiri wose. 29 Sasita irateba irarengana, mugabo babandanya kugira ibintu bitabaho* gushika igihe co gutanga ishikanwa ry’intete ryo ku mugoroba kigeze. Ariko nta wabishura canke ngo hagire ijwi ryumvikana. Bayali ntiyariko irabumviriza+.

30 Vyakabaye kera, Eliya abwira abantu bose ati: «Nimwegere hano.» Nuko abantu bose baramwegera. Maze atangura gusanasana igicaniro ca Yehova cari carasambuwe+. 31 Eliya aca atora amabuye 12 ahuye n’igitigiri c’imiryango ya bene Yakobo, uwo Yehova yabwiye ati: «Uzokwitwa Isirayeli+.» 32 Ayo mabuye ayubakisha igicaniro+ citirirwa izina rya Yehova. Irya n’ino y’ico gicaniro ahaca umuvo ungana n’ahantu bashobora kubiba ingero* zibiri z’imbuto. 33 Hanyuma agishirako inkwi, abaga ya shuri maze ibihimba vyayo abishira kuri nya nkwi+. Aca ababwira ati: «Nimwuzuze amazi imibindi minini ine, muyasuke kuri iri shikanwa riturirwa no ku nkwi.» 34 Maze avuga ati: «Subira mubigire.» Nuko basubira kubigira. Avuga kandi ati: «Nimubigire ubugira gatatu.» Na bo barabigira ubugira gatatu. 35 Nuko amazi akwira irya n’ino ya nya gicaniro, yuzura no muri wa muvo.

36 Nuko mu masaha yo gutanga ishikanwa ry’intete ryo ku mugoroba+, umuhanuzi Eliya aregera avuga ati: «Ewe Yehova, Mana ya Aburahamu+, Izahaki+ na Isirayeli, uyu musi nibimenyekane yuko uri Imana muri Isirayeli. Nibimenyekane kandi yuko jewe ndi umusavyi wawe be n’uko ari wewe wambwiye ngo nkore ibi bintu vyose+. 37 Nunyishure, Yehova. Nunyishure kugira aba bantu bamenye yuko wewe Yehova ari wewe Mana y’ukuri kandi ko ugomba kugarukana imitima yabo kuri wewe+.»

38 Umuriro wa Yehova uca urakoroka uvuye mw’ijuru, uturira rya shikanwa+, na za nkwi, na ya mabuye, n’umukungugu, ufyeta na ya mazi yari mu muvo+. 39 Abantu bose babibonye, baca barunama mu maso hashika hasi, bavuga bati: «Yehova ni we Mana y’ukuri! Yehova ni we Mana y’ukuri!» 40 Maze Eliya ababwira ati: «Nimucakire abahanuzi ba Bayali! Ntihagire n’umwe muri bo abajana!» Baca barabacakira, hanyuma Eliya abamanukana ku mugezi* Kishoni+, abicirayo+.

41 Eliya araheza abwira Ahabu ati: «Nuduge uje kurya no kunywa kuko numva urwamo rw’imvura y’isegenya+.» 42 Nuko Ahabu aduga kurya no kunywa. Nayo Eliya aduga kw’isonga ry’umusozi Karumeli maze arapfukama, yubika umutwe hafi y’amavi+. 43 Maze abwira umusuku wiwe ati: «Ndagusavye uduge urabe amaja ku kiyaga.» Nuko araduga araraba maze avuga ati: «Nta na kimwe mbona.» Mu nyuma Eliya amubwira ati: «Subirayo.» Yamusubijeyo incuro indwi. 44 Ku ncuro igira indwi, wa musuku wiwe avuga ati: «Ehe ndabonye agacu kangana n’ikiganza c’umuntu, kaduga kavuye mu kiyaga.» Eliya amwishura ati: «Genda ubwire Ahabu uti: “Bohera umukogote ku mafarasi umanuke ugende kugira ngo imvura y’isegenya ntigusange ng’aha.”» 45 Muri uwo mwanya ijuru rica ririrabura kubera ibicu, umuyaga urahuhuta, imvura y’isegenya itangura kugwa+. Ahabu abandanya urugendo ari ku mukogote wiwe, aja i Yezireli+. 46 Mugabo impwemu* ya Yehova iza kuri Eliya maze akenyera neza impuzu*. Ariruka asiga Ahabu gushika i Yezireli.

19 Maze Ahabu+ yiganira Yezebeli+ ivyo Eliya yakoze vyose n’ingene yicishije inkota abahanuzi bose+. 2 Yezebeli aca arungika intumwa kuri Eliya ati: «Ejo nk’aya mango nintakugira nk’uko wagize umwe wese* muri abo bahanuzi, imana zizobimpanire bimwe bikomeye!» 3 Eliya aca agira ubwoba maze arahunga ngo akize amagara+. Ashika i Beri-Sheba+ mu Buyuda+ ahasiga umusuku wiwe. 4 Aca afata urugendo rw’umusi umwe ashika mu bugaragwa, yicara munsi y’agati k’umurotemu* maze yisabira gupfa. Avuga ati: «Yehova, birandambiye! Ndagusavye unkureho+ kuko ntaruta ba sogokuruza banje.»

5 Aca araryama, asinzirira munsi ya nya gati k’umurotemu. Mugabo aja yumva umumarayika amukozeko+ amubwira ati: «Vyuka urye+.» 6 Yikanguye abona iruhande y’umutwe hari agakate kiburungushuye gateretse ku mabuye ashushe n’ikarabo ry’amazi. Ararya aranywa, aca asubira kuryama. 7 Mu nyuma wa mumarayika wa Yehova aragaruka amukorako maze amubwira ati: «Vyuka urye, ahandiho urugendo rurerure rukurindiriye rwohava rukunanira.» 8 Nuko aravyuka, ararya aranywa maze agira urugendo rw’imisi 40 n’amajoro 40 abikesheje izo mfungurwa. Aragenda gushika ku musozi w’Imana y’ukuri witwa Horebu+.

9 Ahageze yinjira mw’isenga+ ararayo. Aza yumva Yehova amubajije* ati: «Uriko ukora iki ng’aha ga Eliya?» 10 Eliya yishura ati: «Ewe Yehova Mana Nyeningabo, nagukoreye n’umwete+ mwinshi kuko Abisirayeli bahevye isezerano ryawe+, ibicaniro vyawe bakabisambura, abahanuzi bawe na bo bakabicisha inkota+. Ni jewe jenyene nsigaye, none bariko barondera kunyica+.» 11 Mugabo Imana ivuga iti: «Sohoka uhagarare ku musozi imbere yanje jewe Yehova.» Maze Yehova ararengana+. Ariko ararengana, haza umuyaga mwinshi kandi ukomeye. Uwo muyaga usatura imisozi umenagura n’ibitandara imbere ya Yehova+. Ariko Yehova ntiyari muri uwo muyaga. Inyuma y’uwo muyaga haba nyamugigima+. Ariko Yehova ntiyari muri iyo nyamugigima. 12 Inyuma y’iyo nyamugigima haza umuriro+. Ariko Yehova ntiyari muri uwo muriro. Uwo muriro umaze kurengana haca humvikana ijwi ritekanye, ryo hasi+. 13 Eliya akimara kwumva iryo jwi, aca yipfuka impuzu* yiwe mu maso+ araheza arasohoka, ahagarara ku bwinjiriro bwa nya senga. Iryo jwi rica rimubaza riti: «Uriko ukora iki ng’aha ga Eliya?» 14 Eliya yishura ati: «Ewe Yehova Mana Nyeningabo, nagukoreye n’umwete mwinshi kuko Abisirayeli bahevye isezerano ryawe+, ibicaniro vyawe bakabisambura, abahanuzi bawe na bo bakabicisha inkota. Ni jewe jenyene nsigaye, none bariko barondera kunyica+.»

15 Nuko Yehova amubwira ati: «Subira inyuma uje mu bugaragwa* buri hafi y’i Damasiko. Niwashikayo uze ugene* Hazayeli+ abe umwami wa Siriya. 16 Yehu umwuzukuru wa Nimushi uze umurobanuze amavuta+, abe umwami wa Isirayeli. Elisha* mwene Shafati w’i Abeli-Mehola na we uze umugene* abe umuhanuzi mu kibanza cawe+. 17 Uwuzokira inkota ya Hazayeli+, Yehu azomwica+, uwuzokira inkota ya Yehu na we Elisha azomwica+. 18 Kandi ndacafise abantu 7.000+ muri Isirayeli batapfukamiye Bayali+ canke ngo bayisome+.»

19 Eliya aca ava ng’aho aragenda, asanga Elisha mwene Shafati ariko ararimisha inka. Imbere yiwe hari impfizi 24 zifatanijwe ari zibirizibiri, we akaba yariko ararimisha zibiri za nyuma. Eliya aca amusanga iyo ari, amutererako ya mpuzu* yiwe+. 20 Elisha aca asiga nya mpfizi, yiruka inyuma ya Eliya amubwira ati: «Nkundira mbanze nje gusezera* dawe na mawe, mpeze ndagukurikire.» Eliya aca amwishura ati: «Genda ubasezere. Ugira nakubujije?» 21 Nuko Elisha asubira inyuma maze afata impfizi zibiri, azitangako ikimazi. Ibiti vyafatanya izo mpfizi n’igiti cari kw’isuka zarimisha, arabicana kugira ateke inyama zazo, araheza aziha abantu bararya. Hanyuma arahaguruka akurikira Eliya, atangura kumukorera+.

20 Maze Beni-Hadadi+ umwami wa Siriya+ akoranya ingabo ziwe zose, hamwe n’abami 32 n’amafarasi yabo n’imikogote yabo. Aca aduga gutera igisagara ca Samariya, aracugariza+. 2 Hanyuma arungika intumwa muri ico gisagara ngo zibwire Ahabu+ umwami wa Isirayeli ziti: «Beni-Hadadi avuze ati: 3 “Ifeza zawe n’inzahabu zawe ni rwanje. Abagore bawe beza kuruta abandi n’abahungu bawe beza kuruta abandi na bo nyene ni rwanje.”» 4 Umwami wa Isirayeli aca yishura ati: «Nibibe nk’uko ubivuze mwami wanje, databuja. Ndi uwawe kandi ivyanje vyose ni rwawe+.»

5 Mu nyuma za ntumwa ziragaruka, zivuga ziti: «Beni-Hadadi avuze ati: “Nararungitse intumwa kukubwira ngo umpe ifeza zawe n’inzahabu zawe n’abagore bawe n’abahungu bawe. 6 Mugabo ejo nk’aya mango nzorungika abantu banje iwawe, basake bitonze inzu yawe n’inzu z’abantu bagukorera. Ibintu vyose vy’agaciro utunze bazobitora babitware.”»

7 Umwami wa Isirayeli aca ahamagara abashingantahe bose bo mu gihugu, ababwira ati: «Ndabasavye mundabire ingene uyu mugabo ariko arondera kudukorera ikibi. Yari yansavye ngo ndamuhe abagore banje, abahungu banje, ifeza zanje n’inzahabu zanje, kandi sinamwankiye.» 8 Maze abashingantahe bose n’abantu bose bamubwira bati: «Ntumwumvire. Ntiwemere ivyo akubwiye.» 9 Abwira rero intumwa za Beni-Hadadi ati: «Genda mubwire databuja umwami wanje muti: “Ivyo wansavye ubwa mbere jewe umusavyi wawe, vyose nzobikora. Ariko ivyo bindi sinshobora kubikora.”» Izo ntumwa zica zija kubimenyesha Beni-Hadadi.

10 Nuko Beni-Hadadi arungika intumwa kumubwira ziti: «Nzotikiza Samariya ku buryo hatazosigara n’umukungugu wokwira abasoda banje ngo umwe wese aronke uwokwuzura urushi. Nintabikora, imana zizobimpanire bimwe bikomeye!» 11 Umwami wa Isirayeli na we yishura ati: «Genda mumubwire muti: “Uwitegurira urugamba ntakwiye kwirata nk’uwatahukanye intsinzi*+.”» 12 Beni-Hadadi yari kumwe na ba bami mu mahema* bariko baranywa. Akimara kwumva iyo nyishu, aca abwira abantu biwe ati: «Nimwitegure tuje ku rugamba!» Nuko baca baritegura kugira batere ico gisagara.

13 Mugabo umuhanuzi umwe araza, abwira Ahabu+ umwami wa Isirayeli ati: «Yehova avuze ati: “Urabona abo basoda ukuntu ari isinzi? Ngira ndagufashe kubatsinda. Uraheza umenye yuko ndi Yehova+.”» 14 Ahabu aca abaza ati: «Ndabatsinda biciye kuri nde?» Uwo muhanuzi yishura ati: «Yehova avuze ati: “Ubatsinda biciye ku bisongerezi vy’abakuru b’intara.”» Ahabu yongera kubaza ati: «Ni nde aza gutanguza urugamba?» Na we ati: «Wewe.»

15 Nuko Ahabu aharura ivyo bisongerezi vy’abakuru b’intara, asanga ni 232. Araheza aharura ingabo z’Abisirayeli zose: bari 7.000. 16 Bahengera mu masasita bava mu gisagara. Ico gihe Beni-Hadadi yariko aranywa yaborewe, ari kumwe na ba bami 32 bari baje kumufasha, bari mu mahema*. 17 Ba bagabo b’ibisongerezi ni bo babanje kuva mu gisagara. Beni-Hadadi abibonye, aca arungika abaja kuraba abo bantu abo ari bo, maze bamubwira bati: «Ni abantu bavuye i Samariya.» 18 Aca avuga ati: «Nimba bazanywe n’amahoro nimubafate ari bazima. Nimba baje kurwana, na ho nyene nimubafate ari bazima.» 19 Abari bavuye mu gisagara ni ba bagabo b’ibisongerezi vy’abakuru b’intara hamwe n’ingabo zabakurikiye. 20 Bamaze gusohoka, umwe wese muri bo agira uwo yishe mu bansi babo. Abasiriya baca barahunga+ maze Abisirayeli barabakurikira. Mugabo Beni-Hadadi umwami wa Siriya yurira ifarasi arahunga, ari kumwe na bamwebamwe mu bagendera ku mafarasi. 21 Umwami wa Isirayeli na we ava mu gisagara, yica abarwanira ku mafarasi no ku mikogote, atsinda Abasiriya bimwe bikomeye*.

22 Mu nyuma wa muhanuzi+ araza abwira umwami wa Isirayeli ati: «Genda ukomeze igisoda, urabe n’ibindi wokora+, kuko mu ntango z’umwaka uza* umwami wa Siriya azogaruka kugutera+.»

23 Maze abajenama b’umwami wa Siriya bamubwira bati: «Imana yabo ni Imana yo mu misozi. Ni co catumye baturusha inkomezi. Mugabo nitwarwanira na bo mu biyaya tuzobatsinda. 24 Ehe ikindi wokora: nugene ba buramatari basubirire abami+ bose mu kuyobora ingabo. 25 Uheze ukoranye* ingabo zingana n’izo watakaje, usubirize n’amafarasi be n’imikogote watakaje. Tuzoca turwanira na bo mu biyaya, kandi ntituzobura kubatsinda.» Nuko yumva impanuro bamuhaye, aca akora nk’uko bamubwiye.

26 Umwaka utanguye*, Beni-Hadadi akoranya Abasiriya hanyuma aja i Afeki+ kurwana n’Abisirayeli. 27 Abisirayeli na bo nyene baca barakorana, batekererwa n’ibifungurwa hanyuma baja guhangana n’Abasiriya, bakambika imbere yabo. Uravye igitigiri c’abasoda b’Abisirayeli wamengo ni utugwi tubiri tw’impene. Abasiriya bobo bari buzuye akarere kose+. 28 Maze wa muntu w’Imana y’ukuri araza, abwira umwami wa Isirayeli ati: «Yehova avuze ati: “Ko Abasiriya bavuze ngo: ‘Yehova ni Imana yo mu misozi, si Imana yo mu biyaya’, ngomba ndagufashe gutsinda iri sinzi ry’ingabo+. Uraheza umenye vy’ukuri yuko ndi Yehova+.”»

29 Ingabo z’Abisirayeli n’iz’Abasiriya ziguma zikambitse imisi indwi zihanganye. Maze ku musi ugira indwi urugamba ruratangura. Abisirayeli bica ku musi umwe abasoda 100.000 b’Abasiriya barwanira hasi. 30 Abari basigaye bahungira mu gisagara ca Afeki+. Mugabo uruzitiro rwaco rugwa ku basoda 27.000 muri bo. Beni-Hadadi na we arahunga ashika mu gisagara, yinyegeza mu cumba kiri ahantu hihishije.

31 Maze abajenama biwe bamubwira bati: «Twarumvise yuko abami b’Abisirayeli ari abami bafise ikigongwe*. Dukundire dukenyere amagunira, tubohere n’imigozi ku mutwe, hanyuma tuje kuraba umwami wa Isirayeli. Hari aho atokwica+.» 32 Nuko bakenyera amagunira, babohera n’imigozi ku mutwe. Hanyuma baja kuraba umwami wa Isirayeli bamubwira bati: «Umusuku wawe Beni-Hadadi avuze ati: “Ndagusavye ntunyice.”» Na we yishura ati: «Mbega aracariho? Ni mwenewacu.» 33 Nuko bibaha icizigiro, ubwo nyene baca babona ko atabahenze. Maze bavuga bati: «Beni-Hadadi ni mwenewanyu.» Ahabu ni kwo guca ababwira ati: «Genda mumuzane.» Beni-Hadadi aca aza iyo Ahabu ari, Ahabu na we amwuriza mu mukogote.

34 Beni-Hadadi aca amubwira ati: «Nzosubiza ibisagara dawe yatwaye so, kandi uzogira ibibanza vyo kudandarizamwo* i Damasiko nk’uko na dawe yari abifise i Samariya.»

Ahabu amwishura ati: «Ko unsezeraniye ivyo, ndakureka ugende.»

Nuko bagirana amasezerano, hanyuma aramureka aragenda.

35 Maze umwe mu bana* b’abahanuzi*+ abwira uwo bari kumwe ati: «Ndagusavye unkubite.» Yehova ni we yari yabimutumye. Ariko nya muntu yanka kumukubita. 36 Na we aca amubwira ati: «Kubera ko utumviye ijwi rya Yehova, nitwamara kuvana intambwe irakwica.» Bamaze kuvana, intambwe ica iraza iramwica.

37 Mu nyuma uwo muhanuzi abona uwundi muntu, amubwira ati: «Ndagusavye unkubite.» Nya muntu aramukubita, aramukomeretsa.

38 Maze uwo muhanuzi aja gutegera umwami iruhande y’inzira. Yari yapfunze igitambara mu maso kugira ntibamumenye. 39 Umwami arenganye, nya muhanuzi arasemerera abwira umwami ati: «Jewe umusuku wawe nari ahari urugamba rushushe, hanyuma haza umusoda ansigarana umuntu. Ambwira ati: “Cunga uyu muntu. Akaramuka akujanye, urapfa mu kibanza ciwe*+ canke na ho uce uriha italanto* y’ifeza.” 40 Jewe umusuku wawe hari utuntu nariko ndakora, mpindukiye nsanga wa muntu yagiye.» Umwami wa Isirayeli aca amwishura ati: «None ntiwumva ko urwiciriye? Ico gihano uragikwiriye.» 41 Ubwo nyene akura ca gitambara mu maso, umwami wa Isirayeli aca amenya ko ari uwo mu bahanuzi+. 42 Nya muhanuzi avuga ati: «Yehova avuze ati: “Ko warekuye umuntu navuze ko ategerezwa kwicwa+, uzopfa mu kibanza ciwe*+, abantu bawe na bo bapfe mu kibanza c’abiwe+.”» 43 Umwami wa Isirayeli aca ataha iwe i Samariya+, yijiriwe kandi acitse intege.

21 Inyuma y’ivyo, hari ikintu cabaye ku bijanye n’umurima w’imizabibu wa Naboti w’i Yezireli. Uwo murima wari i Yezireli+, hafi y’ikirimba ca Ahabu umwami w’i Samariya. 2 Ahabu abwira Naboti ati: «Numpe umurima wawe w’imizabibu ndawuteremwo imboga kuko uri hafi y’inzu yanje. Nzoca ndaguha uwundi murima w’imizabibu mwiza kuwuruta. Canke na ho ubishatse ndaguhe amahera bikwiranye.» 3 Mugabo Naboti yishura Ahabu ati: «Sinokwubahuka gukora ikintu Yehova yabujije, ngo nguhe intoranwa ya ba sogokuruza banje+.» 4 Nuko Ahabu asubira iwe yijiriwe kandi yacitse intege kubera ko Naboti w’i Yezireli yamwishuye ati: «Sinoguha intoranwa ya ba sogokuruza banje.» Ahabu aca aja kuryama ku buriri bwiwe, aguma araba ku ruhome, yanka no kurya.

5 Maze umugore wiwe Yezebeli+ amusanga iyo ari amubaza ati: «Ubabajwe* n’iki ku buryo wanka no kurya?» 6 Amwishura ati: «Nabwiye Naboti w’i Yezireli nti: “Emera ngure umurima wawe w’imizabibu canke na ho ubishatse, ndaguhe uwundi murima w’imizabibu mu kibanza cawo.” Mugabo yambwiye ko atawumpa.» 7 Umugore wiwe Yezebeli aca amubwira ati: «None si wewe uganza Isirayeli? Vyuka urye ntusubire kubabara. Umurima w’imizabibu wa Naboti w’i Yezireli jewe nzowuguha+.» 8 Nuko Yezebeli yandika amakete mw’izina rya Ahabu araheza ayashirako ikidodo+ ca Ahabu. Maze arungikira nya makete abashingantahe+ n’abanyacubahiro bo mu gisagara Naboti yabamwo. 9 Muri ayo makete yanditse ati: «Nimutangaze umusi wo kwisonzesha muheze mwicarike Naboti imbere y’abantu. 10 Muce muzana abagabo babiri b’imburakimazi mubicarike imbere yiwe, maze bamwagirize+ bati: “Wavumye Imana n’umwami+!” Muheze mumujane hanze y’igisagara mumwicishe amabuye+.»

11 Nuko abagabo bo mu gisagara Naboti yabamwo, ni ukuvuga abashingantahe n’abanyacubahiro baho, bakurikiza ivyo Yezebeli yabandikiye muri ayo makete. 12 Batangaza umusi wo kwisonzesha maze bicarika Naboti imbere y’abantu. 13 Nuko abagabo babiri b’imburakimazi baraza bicara imbere ya Naboti batangura kumwagiriza imbere y’abantu bati: «Naboti yavumye Imana n’umwami+!» Abantu baca bamujana hanze y’igisagara bamwicisha amabuye+. 14 Hanyuma Yezebeli bamumenyesha ko Naboti bamwicishije amabuye+.

15 Yezebeli akimara kwumva yuko Naboti yicishijwe amabuye, abwira Ahabu ati: «Genda wigarurire wa murima w’imizabibu Naboti w’i Yezireli+ yanka ko umugurira. Naboti ntakiriho, yapfuye.» 16 Ahabu yumvise ko Naboti w’i Yezireli yapfuye, aca aja kwigarurira umurima wiwe w’imizabibu.

17 Mugabo Yehova abwira Eliya+ w’i Tishibe ati: 18 «Genda ubonane na Ahabu umwami wa Isirayeli, aganza i Samariya+. Umusanga mu murima w’imizabibu wa Naboti. Yagiyeyo kugira awigarurire. 19 Umubwire uti: “Yehova avuze ati: ‘Ugire kwica umuntu+ uteko utware n’itongo ryiwe*+?’” Uce wongerako uti: “Yehova avuze ati: ‘Ahantu imbwa zarigatiye amaraso ya Naboti ni ho zizorigatira amaraso yawe+.’”»

20 Ahabu abwira Eliya ati: «Urambonye ga wa mwansi wanje+ we?» Na we ati: «Ndakubonye. Imana yavuze iti: “Kubera ko wiyemeje gukora* ivyo jewe Yehova mbona ko ari bibi+, 21 ngira nkuzaneko ivyago. Nzogukubura ndaguherengeteze. Nzozimanganya muri Isirayeli ab’igitsina-gabo bose*+ bakomoka kuri Ahabu, nzimanganye na nyarucari n’uwutagira gitabara+. 22 Umuryango wawe nzowugira nk’uwa Yerobowamu+ mwene Nebati nongere ndawugire nk’uwa Bayasha+ mwene Ahiya, kubera wanteye ishavu wongera utuma Abisirayeli bacumura.” 23 Nayo ku bijanye na Yezebeli, Yehova avuze ati: “Imbwa zizorira Yezebeli mw’itongo ry’i Yezireli+. 24 Uwo mu muryango wa Ahabu wese azopfira mu gisagara, imbwa zizomurya. Uwuzopfira mu gahinga na we, ibinyoni vyo mu kirere bizomurya+. 25 Ni ukuri nta n’umwe yigeze amera nka Ahabu+. Ahabu yiyemeje gukora* ivyo jewe Yehova mbona ko ari bibi yohejwe n’umugore wiwe Yezebeli+. 26 Yakoze ibintu binshisha rwose, asenga ibigirwamana bisesemye* cokimwe n’Abamori bose jewe Yehova nirukanye mu gihugu, kugira ndagihe Abisirayeli+.”»

27 Ahabu akimara kwumva ayo majambo, aca yitaburirako impuzu yambaye maze yambara igunira. Arisonzesha, aguma aryama yambaye igunira kandi akagenda yijiriwe. 28 Maze Yehova abwira Eliya w’i Tishibe ati: 29 «Mbega wabonye ukuntu Ahabu yicishije bugufi yumvise ivyo namubwiye+? Ko yicishije bugufi imbere yanje, sinzozana ivyo vyago akiriho. Nzobizana ku muryango wiwe ku ntwaro* y’umuhungu wiwe+.»

22 Imyaka itatu irahera hatabaye intambara hagati ya Siriya na Isirayeli. 2 Mu mwaka ugira gatatu, Yehoshafati+ umwami w’Ubuyuda aja kuraba umwami wa Isirayeli+. 3 Maze umwami wa Isirayeli abwira abantu biwe ati: «Murazi yuko igisagara ca Ramoti-Gileyadi+ ari rwacu. Yamara tuguma tugonanwa kukigaruza ngo tucake umwami wa Siriya.» 4 Nuko abwira Yehoshafati ati: «None uzojana nanje ku rugamba i Ramoti-Gileyadi?» Yehoshafati aca yishura umwami wa Isirayeli ati: «Erega turi bamwe. Abasoda bawe n’abasoda banje ni bamwe. N’amafarasi yanje be n’amafarasi yawe ni ko kw’ukwo+.»

5 Ariko Yehoshafati abwira umwami wa Isirayeli ati: «Ndagusavye ubanze ubaze+ Yehova+.» 6 Maze umwami wa Isirayeli akoraniriza hamwe abahanuzi. Bari nk’abagabo 400. Ababaza ati: «Nje gutera i Ramoti-Gileyadi canke ndeke?» Bamwishura bati: «Genda kandi Yehova aragufasha kuhatsinda, mwami.»

7 Yehoshafati aca avuga ati: «Mbega hano nta muhanuzi wa Yehova ahari? Reka na we tumubaze twumve ico Imana ivuga+.» 8 Umwami wa Isirayeli aca abwira Yehoshafati ati: «Haracariho uwundi mugabo yotubariza Yehova+. Mugabo ndamwanka+ kuko atigera avuga ko hari ivyiza bizonshikira, amvugako ibibi gusa+. Ni Mikaya mwene Imula.» Ariko Yehoshafati avuga ati: «Sigaho mwami, reka kuvuga gutyo.»

9 Umwami wa Isirayeli aca ahamagara umukozi wo ku kirimba maze amubwira ati: «Nyaruka uzane Mikaya mwene Imula+.» 10 Umwami wa Isirayeli na Yehoshafati umwami w’Ubuyuda bari bicaye ku ntebe z’ubwami, bambaye impuzu za cami, ku mbuga* iri hafi y’irembo rya Samariya. Abahanuzi bose bari imbere yabo bariko bavuga ubuhanuzi+. 11 Maze Zedekiya mwene Kenayana akora amahembe y’icuma hanyuma avuga ati: «Yehova avuze ati: “Aya ni yo uzokoresha mu gucumita* Abasiriya gushika ubahoneje.”» 12 N’abandi bahanuzi bose bariko bavuga nk’ukwo nyene bati: «Genda i Ramoti-Gileyadi kandi uratahukana intsinzi. Yehova aragufasha gutsinda ico gisagara, mwami.»

13 Wa muntu yari yatumwe guhamagara Mikaya amubwira ati: «Umviriza, abahanuzi bose bariko babwira umwami ivyiza. Ndagusavye nawe uvuge ivyiza nka bo+.» 14 Mugabo Mikaya avuga ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, ivyo Yehova ambwira ni vyo nza kuvuga.» 15 Maze ashitse imbere y’umwami, umwami amubaza ati: «Mikaya, tuje gutera i Ramoti-Gileyadi canke tureke?» Aca amwishura ati: «Genda kandi urahatsinda. Yehova aragufasha kuhatsinda mwami.» 16 Umwami aca amubwira ati: «Nirirwe ndakurahiza kangahe ngo umbwize ukuri mw’izina rya Yehova aho kumpenda?» 17 Na we avuga ati: «Mbona Abisirayeli bose basanzaye ku misozi+ nk’intama zitagira umwungere. Yehova yavuze ati: “Nta shebuja bagifise. Umwe wese niyisubirire iwe amahoro.”»

18 Umwami wa Isirayeli aca abwira Yehoshafati ati: «Sinari nakubwiye ko ata vyiza aza kuvuga ku binyerekeye, ahubwo ko aza kuvuga ibibi gusa+?»

19 Mikaya yongera kuvuga ati: «Niwumve rero ubutumwa buvuye kuri Yehova. Nabonye Yehova yicaye ku ntebe yiwe y’ubwami+, ingabo zose zo mw’ijuru zihagaze hafi yiwe, iburyo n’ibubamfu+. 20 Maze Yehova avuga ati: “Ni nde aza guhenda Ahabu ngo aje i Ramoti-Gileyadi apfireyo?” Umwe atangura kuvuga uku, uwundi uku. 21 Haca haza umumarayika*+, ahagarara imbere ya Yehova, avuga ati: “Jewe ndamuhenda.” Yehova aca amubaza ati: “Ubigenza gute?” 22 Na we ati: “Ndagenda nkorere mu bahanuzi biwe bose, ntume bavuga ibinyoma*+.” Amwishura ati: “Uraza kumuhenda kandi birakunda. Genda ugire gutyo.” 23 Yehova rero yatumye abahanuzi bawe bose bavuga ibinyoma*+, ariko vy’ukuri Yehova yafashe ingingo yo kuguteza ivyago+.»

24 Zedekiya mwene Kenayana aca yegera Mikaya amukubita kw’itama maze avuga ati: «Ushatse kuvuga ko impwemu ya Yehova yamvuyeko ikaza kuvugana nawe? Yoba yaciye hehe+?» 25 Mikaya aca amwishura ati: «Uzomenya aho yaciye umusi uzoja kwinyegeza mu cumba kiri ahantu hihishije.» 26 Maze umwami wa Isirayeli avuga ati: «Nimufate Mikaya mumujane, mumushikirize Amoni umukuru w’igisagara na Yowasi umuhungu w’umwami. 27 Mubabwire muti: “Umwami avuze ati: ‘Nimushire uyu mugabo mw’ibohero+, mumuhe ivyo kurya* n’amazi vy’inticantikize gushika ngarutse amahoro.’”» 28 Mugabo Mikaya avuga ati: «Niwaramuka ugarutse amahoro, Yehova azoba atavuganye nanje+.» Aca yongerako ati: «Yemwe bantu mwese, nimuvyumve.»

29 Nuko umwami wa Isirayeli na Yehoshafati umwami w’Ubuyuda baja i Ramoti-Gileyadi+. 30 Umwami wa Isirayeli abwira rero Yehoshafati ati: «Ngira nambare izindi mpuzu niyoberanye maze nje mu rugamba, mugabo wewe wambare impuzu zawe za cami.» Nuko umwami wa Isirayeli ariyoberanya+, araheza aja mu rugamba. 31 Umwami wa Siriya yari yategetse abakuru 32 bajejwe abarwanira ku mikogote yiwe+ ati: «Ntihagire umusoda n’umwe murwanya, yaba mutoyi canke uwuhambaye. Murwanye umwami wa Isirayeli wenyene.» 32 Abo bakuru bakibona Yehoshafati, bibwira bati: «Umwami wa Isirayeli ni uyu nyene.» Baca baja kumurwanya. Yehoshafati aca atangura gutabaza. 33 Abo bakuru babonye yuko atari umwami wa Isirayeli, ubwo nyene baca bareka kumukurikira.

34 Ariko umugabo umwe apfa kurasa umwampi, asanga yagemye umwami wa Isirayeli aho ibice vy’ikoti y’ivyuma yari yambaye bihurira. Umwami aca abwira uwutwara umukogote wiwe ati: «Hindukiza umukogote mve mu rugamba* kuko nakomeretse cane+.» 35 Kuri uwo musi urugamba rurakomera, biba ngombwa ko umwami bamushigikira kugira agume ahagaze mu mukogote, araba Abasiriya. Aho bamukomerekeje haguma hava amaraso, avira mu mukogote w’intambara. Ku mugoroba yaciye apfa+. 36 Izuba ririko rirarenga, abasoda baterwa akamo ngo: «Umwe wese nasubire mu gisagara iwabo. Umwe wese nasubire iyo yaje ava+.» 37 Nuko umwami arapfa bamujana i Samariya, bamuhambayo. 38 Igihe bariko bogereza umukogote w’intambara ku kidengeri c’i Samariya, imbwa zirigata amaraso yiwe, kandi abamaraya bariko barahogera*. Vyabaye nk’uko Yehova yari yarabivuze+.

39 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Ahabu, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose, inzu* y’amasenge*+ yubatse n’ibisagara vyose yubatse, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami ba Isirayeli. 40 Ahabu amaze gupfa+ umuhungu wiwe Ahaziya+ atangura kuganza mu kibanza ciwe.

41 Yehoshafati+ mwene Asa, yabaye umwami w’Ubuyuda mu mwaka ugira kane Ahabu umwami wa Isirayeli aganza. 42 Yehoshafati yabaye umwami afise imyaka 35, amara imyaka 25 aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Azuba, akaba yari umukobwa wa Shilihi. 43 Aguma akurikira akarorero ka se Asa+ adaca ku ruhande, akora ivyo Yehova abona ko bigororotse+. Mugabo ibibanza vyo gusengeramwo* ntivyakuweho, kandi abantu bari bakihashikanira ibimazi+ bigafumba umwotsi. 44 Yehoshafati yari abanye amahoro n’umwami wa Isirayeli+. 45 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Yehoshafati, ni ukuvuga ubutwari bwiwe n’intambara yarwanye, vyanditswe mu gitabu kivuga ivyabaye mu gihe c’abami b’Ubuyuda. 46 Yarakuye mu gihugu abamaraya b’abagabo* bo mu bibanza vyo gusengeramwo*+ bari barasigaye ku ntwaro ya se Asa+.

47 Ico gihe nta mwami yariho muri Edomu+. Hari umutware aganza nk’umwami+.

48 Yehoshafati akora n’amato* y’i Tarushishi* kugira aze araja i Ofiri kuzana inzahabu+. Mugabo ayo mato ntiyabaye akijayo kubera yasambukiye i Eziyoni-Geberi+. 49 Maze Ahaziya mwene Ahabu abwira Yehoshafati ati*: «Nkundira abasuku banje baze bajane n’abawe muri ayo mato.» Mugabo Yehoshafati ntiyamwemerera.

50 Mu nyuma Yehoshafati arapfa+, bamuhamba hamwe na ba sekuruza mu gisagara ca Dawidi sekuruza. Maze umuhungu wiwe Yehoramu+ atangura kuganza mu kibanza ciwe.

51 Ahaziya+ mwene Ahabu yabaye umwami wa Isirayeli i Samariya mu mwaka ugira 17 Yehoshafati umwami w’Ubuyuda aganza. Ahaziya yamaze imyaka ibiri aganza Isirayeli. 52 Aguma akora ivyo Yehova abona ko ari bibi. Akurikira akarorero kabi ka se+ na nyina+ n’aka Yerobowamu mwene Nebati, umwe yatuma Abisirayeli bacumura+. 53 Abandanya gukorera Bayali+ arayunamira, aguma ababaza Yehova Imana ya Isirayeli+ cokimwe na se.

Canke «amubabaza», «amukosora.»

Mu giheburayo havuga ngo «kuryama hamwe na ba sogokuruza.»

Canke «yacunguye ubuzima bwanje.»

Mu giheburayo havuga ngo «abasuku.»

Canke «inyumpu y’ingore.» Inyumpu ni igikoko kivuka ku ndogobwa n’ifarasi.

Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).

Abakereti n’Abapeleti bacungera Dawidi.

Rishobora kuba ari rya hema Dawidi yategurira ya sandugu.

Canke «w’ijunja n’ijambo.»

Mu giheburayo havuga ngo «nta gashatsi kiwe na kamwe kazokorokera hasi.»

Mu giheburayo havuga ngo «ngira njane inzira isi yose ijana.»

Canke «ukorane ubukerebutsi», «ukorane ubwenge.»

Canke «isandari.»

Mu giheburayo havuga ngo «ntureke ngo imvi ziwe zimanuke mu kuzimu amahoro.»

Canke «ubereke urukundo rudahemuka (rudahera).»

Mu giheburayo havuga ngo «imvi ziwe uze uzimanukane mu kuzimu ziriko amaraso.»

Mu giheburayo havuga ngo «aryama hamwe na ba sekuruza.»

Mu giheburayo havuga ngo «Isirayeli yose yari yashize amaso kuri jewe ngo mbe umwami.»

Mu giheburayo havuga ngo «akanyubakira n’inzu.»

Canke «asimbira kuri Adoniya, aramwica.»

Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»

Canke «b’abagororotsi.»

Canke «abamukomokako.»

Canke «abamukomokako.»

Mu giheburayo havuga ngo «intebe yiwe y’ubwami.»

Mu giheburayo, iryo jambo ahanini risobanura ahantu h’agahinga hari imihana iri kure na kure.

Canke «gutwara.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu bibanza bitaramutse.» Raba Insiguro y’amajambo (Ibibanza bitaramutse).

Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»

Canke «mu bugororotsi.»

Canke «nkiri agahungu.»

Mu giheburayo havuga ngo «ntazi gusohoka canke kwinjira.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «aba bantu bagoye.» Mu giheburayo havuga ngo «aba bantu baremereye.»

Mu giheburayo havuga ngo «imisi myinshi.»

Canke «urupfu.»

Mu giheburayo havuga ngo «wumve.»

Mu giheburayo havuga ngo «umutima ukerebutse kandi utegera.»

Canke «n’ubuninahazwa.»

Mu giheburayo havuga ngo «imisi yawe yose.»

Mu giheburayo havuga ngo «nzorehura n’imisi yawe.»

Mu giheburayo havuga ngo «baramutinya.»

Canke «abaganwa.»

Biboneka ko yari umuherezi mukuru.

Ni uruzi Efurate.

Canke «ingabire.»

Koro imwe yaja mu kintu c’amalitiro 220. Raba Inyongera ya B14.

Ingero imwe y’ifu isanzwe ipima hafi ibilo 110.

Ni mu burengero bw’uruzi Efurate.

Ico gitigiri tugisanga mu mizingo imwimwe no mu kindi gitabu ca Bibiliya kivugwamwo iyo nkuru. Iyindi mizingo ivuga 40.000.

Canke «abagendera ku mafarasi.»

Sayiri ni ubwoko bw’ingano.

Canke «umutima utegera.» Mu giheburayo havuga ngo «umutima wagutse.»

Canke «yanditse.»

Canke «ibiguruka.»

Hashobora kuba harimwo n’udukoko dutoduto.

Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).

Canke «yamye akunda Dawidi.»

Mu giheburayo havuga ngo «gushika Yehova abashize munsi y’ibirenge vyiwe.»

Mu giheburayo havuga ngo «akaruhuko.»

Umuberoshi ni igiti gishaka kumera nk’akajwari. Mu gifaransa bacita genévrier.

Koro imwe yaja mu kintu c’amalitiro 220. Raba Inyongera ya B14.

Bayita kandi amavuta ya olive.

Canke «amavuta bakoze mu gusekura imyelayo.»

Canke «bikorera imizigo.»

Raba Inyongera ya B8.

Raba Inyongera ya B15.

Yari intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Intambwe imwe yangana na santimetero 44,5. Raba Inyongera ya B14.

Ni ukuvuga imetero 27 z’uburebure, 9 z’ubwaguke na 13 z’amahagarara.

Canke «ubwaguke.»

Mu giheburayo havuga ngo «urusengero rwa nya nzu.»

Canke «ibaraza ry’imbere y’urusengero ryareha n’intambwe 20 z’ubwaguke bw’iyo nzu.»

Canke «amadirisha arimwo utubaho dutuma umwenge wayo ugenda uragabanuka.»

Mu giheburayo havuga ngo «urusengero.»

Mu giheburayo havuga ngo «icumba c’ahiherereye.»

Canke «ahaniguye.»

Mu giheburayo havuga ngo «rw’iburyo.»

Mu giheburayo havuga ngo «azubakisha.»

Mu giheburayo havuga ngo «ku bigiga vy’igisenge.»

Mu giheburayo havuga ngo «ku bigiga.»

Mu giheburayo havuga ngo «urusengero.» Ico gice cari imbere y’Aheranda cane.

Mu giheburayo havuga ngo «mu giti c’amavuta.» Ico giti gishobora kuba ari ipinusi y’i Alepo.

Ni Aheranda cane.

Mu giheburayo havuga ngo «indani no hanze.»

Mu giheburayo havuga ngo «ibishimaryango, ica gatanu.» Gishobora kuba gisobanura ubunini bw’imiryango canke ukuntu igishimaryango cari cubatse.

Mu giheburayo havuga ngo «urusengero.»

Mu giheburayo havuga ngo «ipinusi, ica kane.» Gishobora kuba gisobanura ubunini bw’imiryango canke ukuntu igishimaryango cari cubatse.

Ivyo bintu hari abavyita amapomere canke amapata.

Raba Inyongera ya B15.

Raba Inyongera ya B15.

Canke «ikirimba.»

Yari intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Intambwe imwe yangana na santimetero 44,5. Raba Inyongera ya B14.

Ni ukuvuga imetero 44 z’uburebure, 22 z’ubwaguke na 13 z’amahagarara.

Canke «amakadrema.»

Canke «bifise impande zine», «bimeze nk’urukiramende.»

Canke «ibaraza.»

Mu giheburayo havuga ngo «ku bigiga.»

Mu giheburayo havuga ngo «inyubakwa y’ingoro.»

Ni ikigo c’inyuma.

Ni ikigo c’inyuma.

Canke «vyo mu butare bw’umwakaka.» Ni ukwo nyene n’ahandi hose havugwa umujumpu muri iki kigabane.

Canke «imwe yose muri izo nkingi zibiri yari ifise inkikuro y’intambwe 12.» Yari intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora.

Ni ukuvuga ry’Aheranda.

Canke «yo mu bumanuko.»

Iryo zina risobanura ngo «[Yehova] nashimangire.»

Canke «iyo mu buraruko.»

Iryo zina rishobora kuba risobanura ngo «mu nkomezi.»

Canke «cari gifise inkikuro y’intambwe 30.»

Ni nka santimetero 7,4. Raba Inyongera ya B14.

Ni nk’amalitiro 44.000. Bati imwe yangana n’amalitiro 22. Raba Inyongera ya B14.

Canke «inkorofani z’amazi.»

Canke «amaringi.»

Canke «vyaracuranywe.»

Canke «udukadrema.»

Canke «vyacuranywe n’iyo shareti.»

Ni nk’amalitiro 880.

Canke «cari gifise ubwaguke bw’intambwe zine.» Yari intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora.

Ni ukuvuga ya nyubakwa nkuru y’urusengero.

Canke «iminengo.»

Ni utuntu bakoresha mu kuzimya urutambi.

Mu giheburayo havuga ngo «inzu y’urusengero.»

Canke «yaragize vyeranda.»

Mu giheburayo havuga ngo «imitwe.»

Insiguro y’amajambo (Imigwi mikurumikuru igize imiryango).

Ni umusi mukuru w’insago.

Raba Inyongera ya B15.

Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»

Canke «iminiho yayo.»

Mu giheburayo havuga ngo «yashikije n’ukuboko kwiwe.»

Mu giheburayo havuga ngo «yavuze n’akanwa kiwe.»

Mu giheburayo havuga ngo «umuhungu wawe azova mu kiyunguyungu cawe.»

Canke «rudahemuka.»

Mu giheburayo havuga ngo «bagendera imbere yawe.»

Canke «hari aho mugenziwe yomutegeka kwihamagarirako umuvumo.» Yari indahiro yatuma umuntu yisabira igihano c’umuvumo aramutse arahiye ibinyoma canke akarenga ku ndahiro yiwe.

Mu giheburayo havuga ngo «umubisha uvuge ko ari umubisha.»

Mu giheburayo havuga ngo «umugororotsi uvuge ko ari umugororotsi.»

Canke «wabateje amagorwa.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «akaza kubera ukuntu uzwi.»

Mu giheburayo havuga ngo «kuramvuye.»

Mu giheburayo havuga ngo «ubatunganirize.»

Mu giheburayo havuga ngo «ubatunganirize.»

Canke «wumvirize ivyo bagusaba vyose.»

Mu giheburayo havuga ngo «antunganirize.»

Canke «n’umutima ukwiye.»

Canke «ku bwinjiriro bwa Hamati.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Mu giheburayo havuga ngo «ugira umunani.» Ni ukuvuga umusi ukurikira ca kiringo kigira kabiri c’imisi indwi.

Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»

Mu giheburayo havuga ngo «gukorera.»

Canke «babacako umugani.»

Mu giheburayo havuga ngo «barazikorera.»

Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»

Mu giheburayo havuga ngo «ntivyaba ibibereye mu maso yiwe.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «akarere ata co kamaze.»

Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.

Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»

«Milo» ni ijambo ry’igiheburayo risobanura «kwuzuza.» Ni ikintu kimeze nk’agasozi gishobora kuba cubatswe kugira gikingire igisagara.

Canke «ingabire y’ubugeni.»

Canke «akomeza.»

«Milo» ni ijambo ry’igiheburayo risobanura «kwuzuza.»

Canke «imeri.» Imeri ni ubwato bunini.

Canke «ubupfindo.»

Canke «amavuta yo gusomora.» Raba Insiguro y’amajambo (Amavuta yo gusomora).

Mu giheburayo havuga ngo «nta na kimwe cari ikinyegezwa ku mwami.»

Canke «ubwenge.»

Mu giheburayo havuga ngo «impemu ziramuherana.»

Canke «ivyo wavuze.»

Canke «mu bugororotsi.»

Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.

Canke «amavuta yo gusomora.»

Canke «imeri.» Imeri ni ubwato bunini.

Ni igiti ciza bakoramwo ibintu vyiza cane.

Canke «ikirimba.»

Mu giheburayo havuga ngo «ivyo ukuboko kw’umwami Salomo kwamuhaye.»

Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.

Abarasisha umuheto ni bo bakunda gukoresha mwene izo nkinzo.

Imina ivugwa mu Vyanditswe vy’igiheburayo yapima amagarama 570. Raba Inyongera ya B14.

Amasenge ni amenyo y’ibikoko bimwebimwe nk’inzovu n’ibindi.

Ni ibinyoni bifise amabara meza cane vyo mu bwoko bw’inkware.

Canke «amavuta yo gusomora.»

Canke «inyumpu.» Ni igikoko kivuka ku ndogobwa n’ifarasi.

Canke «abagendera ku mafarasi.»

Canke «abagendera ku mafarasi.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «amafarasi ya Salomo bayakura mu Misiri n’i Kuwe. Abadandaza b’umwami bayagura i Kuwe.» I Kuwe hashobora kuba hari i Silisiya.

Canke «muhane abageni.»

Canke «yarakunze imana zabo arazumirako.»

Mu giheburayo havuga ngo «abaganwakazi.»

Canke «abo bagore biwe bamugirako akosho gakomeye.»

Canke «barahindukije.»

Canke «n’umutima ukwiye.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu buryo bwuzuye.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Biboneka ko kari akarere ko muri Edomu canke hafi yaho.

Ntiyari umwamikazi aganza.

Hashobora kandi kuvugwa ngo «kumucukiriza.»

Mu giheburayo havuga ngo «yica.»

Mu giheburayo havuga ngo «kubangurira ukuboko.»

«Milo» ni ijambo ry’igiheburayo risobanura «kwuzuza.»

Ni ukuvuga umuryango wa Efurayimu n’uwa Manase.

Ni ukuvuga uwumukomokako.

Canke «abo umutima wawe ushaka.»

Canke «w’amananiza.»

Canke «abashingantahe.»

Canke «abashingantahe.»

Vyari ibimoko biriko udupfundo canke utuntu dusongoye. Vyari bimeze nk’umurizo w’akamina (scorpion).

Canke «abashingantahe.»

Mu giheburayo havuga ngo «ewe Dawidi.»

Mu giheburayo havuga ngo «basubira ku mahema yabo.»

Biboneka ko ari Abisirayeli bo mu miryango cumi yo mu buraruko.

Mu giheburayo havuga ngo «bacaguwe.»

Canke «akomeza.»

Canke «aragikomeza.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu bibanza bitaramutse.»

Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha rirashobora no gusobanura «guturira imibavu.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu bibanza bitaramutse.»

Canke «ikimenyamenya.»

Canke «ikimenyamenya.»

Canke «iminyota inuze.» Yari iminyota ivanze n’ibinure vy’ibimazi.

Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko.»

Mu giheburayo havuga ngo «kuruma.»

Canke «ca kimenyamenya.»

Mu giheburayo havuga ngo «c’inzu yawe.»

Mu giheburayo havuga ngo «ntihaze hagire umukate urya canke amazi unywa.»

Mu giheburayo havuga ngo «ntihaze hagire umukate urirayo canke amazi unywerayo.»

Mu giheburayo havuga ngo «kugira arye umukate, anywe n’amazi.»

Mu giheburayo havuga ngo «ntihaze hagire umukate urya canke amazi unywa.»

Mu giheburayo havuga ngo «aca ashira ivyo kwicarako ku ndogobwa ya wa muhanuzi yari yasubije inyuma.»

Mu giheburayo havuga ngo «yaramwuzuza ukuboko.»

Canke «umubwire uku n’uku.»

Mu giheburayo havuga ngo «agendera imbere yanje.»

Canke «mu cuma bashongesheje.»

Mu giheburayo havuga ngo «uwo wese yihagarika ku ruhome.» Iyo ni imvugo y’igiheburayo y’akagaye bakoresha bashaka kuvuga abantu b’igitsina-gabo.

Ni uruzi Efurate.

Raba Insiguro y’amajambo.

Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «abagabo baryamana n’abandi bagabo.»

Mu giheburayo havuga ngo «abamaraya b’abagabo bo ku rusengero.» Raba Insiguro y’amajambo (Umumaraya).

Canke «ku kirimba.»

Mu giheburayo havuga ngo «b’abirutsi.»

Yitwa kandi Abiya.

Biboneka ko ari irindi zina rya Abusalomu.

Canke «n’umutima ukwiye.»

Canke «abagabo baryamana n’abandi bagabo.»

Mu giheburayo havuga ngo «abamaraya b’abagabo bo ku rusengero.» Raba Insiguro y’amajambo (Umumaraya).

Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»

Canke «umugore w’iteka.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Mu giheburayo havuga ngo «mu bibanza bitaramutse.»

Canke «n’umutima ukwiye.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu misi yiwe.»

Canke «akomeza», «asubira kwubaka.»

Canke «uwusohoka canke uwinjira.»

Canke «ikirimba.»

Canke «gukomeza», «gusubira kwubaka.»

Canke «abikoresha mu gukomeza», «abikoresha mu gusubira kwubaka.»

Canke «yakomeje», «yasubiye kwubaka.»

Canke «ntiyasigaza n’umwe ahumeka.»

Mu giheburayo havuga ngo «yihagarika ku ruhome.» Iyo ni imvugo y’igiheburayo y’akagaye bakoresha bashaka kuvuga abantu b’igitsina-gabo.

Canke «mu bashobora guhora amaraso yiwe.»

Mu giheburayo havuga ngo «Isirayeli yose.»

Mu giheburayo havuga ngo «Isirayeli yose.»

Mu giheburayo havuga ngo «inzu y’umwami.»

Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.

Iryo zina risobanura ngo «cegukira umuryango wa Shemeri.»

Mu giheburayo havuga ngo «umukama.»

Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Iryo zina risobanura ngo «Imana yanje ni Yehova.»

Mu giheburayo havuga ngo «mpagarara imbere.»

Mu giheburayo havuga ngo «kari ku rushi.»

Canke «agakate kiburungushuye.»

Mu giheburayo havuga ngo «uwo mugore nyene inzu.»

Mu giheburayo havuga ngo «ntiyaba agihema.»

Mu giheburayo havuga ngo «jewe nawe dusangiye iki.»

Mu giheburayo havuga ngo «haheze imisi myinshi, mu mwaka ugira gatatu.»

Canke «inyumpu.» Ni igikoko kivuka ku ndogobwa n’ifarasi.

Mu giheburayo havuga ngo «mpagarara imbere.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Mu giheburayo havuga ngo «barira ku meza ya Yezebeli.»

Mu giheburayo havuga ngo «gucumbagira ku bibando bibiri.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «yafashe urugendo.»

Canke «intambi.»

Canke «babandanya kwifata nk’abahanuzi.»

Mu giheburayo havuga ngo «ingero za seya.» Seya imwe yaja mu kintu c’amalitiro 7,33. Raba Inyongera ya B14.

Canke «ku mwonga.»

Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko.»

Mu giheburayo havuga ngo «akenyera mu mafyinga.»

Canke «nintagira ubuzima bwawe nk’uko wagize ubuzima bw’umwe wese.»

Ni agati ko mu bugaragwa.

Mu giheburayo havuga ngo «ijambo rya Yehova riza kuri we.»

Canke «impuzu y’abahanuzi.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «urobanuze amavuta.» Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).

Iryo zina risobanura ngo «Imana ni ubukiriro.»

Canke «umurobanuze amavuta.»

Canke «impuzu y’abahanuzi.»

Mu giheburayo havuga ngo «nsome.»

Canke «uwambara ibirwanisho ntakwiye kwirata nk’uwuvyambura.»

Canke «mu nsago.»

Canke «mu nsago.»

Canke «yica Abasiriya, inganda ziratikira.»

Ni ukuvuga nko muri Ntwarante canke Ndamukiza. Raba Inyongera ya B15.

Mu giheburayo havuga ngo «uharure.»

Ni ukuvuga nko muri Ntwarante canke Ndamukiza. Raba Inyongera ya B15.

Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»

Canke «uzofata amabarabara.»

Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»

Imvugo «abana b’abahanuzi» ishobora kuba yerekeza kw’ishure ryamenyereza abahanuzi canke ku mugwi w’abahanuzi wari utunganijwe nk’ishirahamwe.

Canke «ubuzima bwawe buca busubirira ubwiwe.»

Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.

Canke «ubuzima bwawe buzosubirira ubwiwe.»

Canke «umutima wawe ubabajwe.»

Mu giheburayo havuga ngo «uteko wigarurire.»

Mu giheburayo havuga ngo «wigurishije ngo ukore.»

Mu giheburayo havuga ngo «uwo wese yihagarika ku ruhome.» Iyo ni imvugo y’igiheburayo y’akagaye bakoresha bashaka kuvuga abantu b’igitsina-gabo.

Mu giheburayo havuga ngo «yigurishije ngo akore.»

Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu misi.»

Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.

Canke «gusunika.»

Mu giheburayo havuga ngo «impwemu.»

Mu giheburayo havuga ngo «ndagenda nihindure impwemu y’ikinyoma mu kanwa k’abahanuzi biwe bose.»

Mu giheburayo havuga ngo «yashize impwemu y’ikinyoma mu kanwa k’abahanuzi bawe bose.»

Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»

Mu giheburayo havuga ngo «mw’ikambi.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «aho abamaraya bogera, imbwa zararigase amaraso yiwe.»

Canke «ikirimba.»

Ni amenyo y’ibikoko bimwebimwe nk’inzovu n’ibindi.

Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»

Raba akajambo k’epfo mu 1Bm 14:24.

Mu giheburayo havuga ngo «abamaraya b’abagabo bo ku rusengero.» Raba Insiguro y’amajambo (Umumaraya).

Canke «imeri.» Imeri ni ubwato bunini.

Raba Insiguro y’amajambo (Amato y’i Tarushishi).

Bashobora kuba babiyaze imbere y’uko ayo mato asambuka.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika