ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • nwt 1 Samweli 1:1-31:13
  • 1 Samweli

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 1 Samweli
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
1 Samweli

IGITABU CA MBERE CA SAMWELI

1 Hari umugabo w’i Ramatayimu-Zofimu*+ mu karere k’imisozi ka Efurayimu+ yitwa Elikana+. Yari mwene Yerohamu, Yerohamu mwene Elihu, Elihu mwene Tohu, Tohu mwene Zufi. Yari Umwefurayimu. 2 Yari afise abagore babiri: umwe yitwa Hana, uwundi akitwa Penina. Penina yari afise abana, mugabo Hana nta bo yari afise. 3 Ku mwaka ku mwaka, uwo mugabo yama ava mu gisagara abamwo akaduga i Shilo gusenga* Yehova Nyeningabo no kumushikanira ibimazi+. Abahungu babiri ba Eli, ari bo Hofuni na Finehasi+, bari abaherezi bakorera Yehova+ aho i Shilo.

4 Umusi umwe Elikana ashikana ikimazi, maze aha ibipande vy’ico kimazi umugore wiwe Penina n’abahungu biwe n’abakobwa biwe bose+. 5 Mugabo Hana amuha igipande ciza cane kuko ari we yakunda. Ariko nta bana Yehova yari yaramuhaye*. 6 Umukeba wiwe Penina yaguma amucokora arondera kumutuntuza, kubera ko ata bana Yehova yari yaramuhaye. 7 Ukwo ni ko Penina yagira buri mwaka. Igihe cose Hana yaba agiye ku nzu ya Yehova+, uwo mukeba wiwe yaramucokora gushika n’aho Hana arira, no kurya ntarye. 8 Ariko umugabo wiwe Elikana amubwira ati: «Urizwa n’iki Hana? Kubera iki udafungura? Ubabajwe n’iki*? Mbega sinkurutira abahungu cumi?»

9 Bahejeje kurya no kunywa bari ng’aho i Shilo, Hana aca arahaguruka. Umuherezi Eli yari yicaye ku ntebe ku bwinjiriro bw’urusengero*+ rwa Yehova. 10 Hana yari adundumiwe rwose. Atangura rero gusenga Yehova+ no kurira cane. 11 Maze araganira Imana ati: «Ewe Yehova Nyeningabo, raba ayo ngowe jewe umusavyi wawe, unyibuke. Nutanyibagira jewe umusavyi wawe ukampa umwana w’umuhungu+, nzomuguha Yehova, agukorere ubuzima bwiwe bwose. Kandi ntazokwigera amobwa+.»

12 Yamaze umwanya muremure asengera imbere ya Yehova, Eli na we yitegereza umunwa wiwe. 13 Ariko Hana yasengera mu mutima akubita iminwa gusa, ijwi ntiryumvikane. Eli aca yiyumvira ko Hana yaborewe. 14 Eli amubwira ati: «Uzoguma uborerwa gushika ryari? Heba izo nzoga*.» 15 Hana aca yishura ati: «Oya databuja. Ndi umugore yishwe n’amaganya*. Nta muvinyu canke inzoga nanyoye, ahubwo ndiko mbwira Yehova akambakiye*+. 16 Umusavyi wawe ntumufate nk’umugore w’imburakimazi, kuko ivyo nariko ndavuga uwu mwanya wose nabitumwe n’intuntu nyinshi n’agahinda.» 17 Maze Eli asubizayo ati: «Igire amahoro, Imana ya Isirayeli iguhe ico wayisavye+.» 18 Hana na we avuga ati: «Ese wokwama undaba ryiza jewe umusavyi wawe.» Nuko uwo mugore aragenda ararya, kandi ntiyasubira kuboneka ko ababaye.

19 Elikana n’umuryango wiwe bavyuka kare mu gitondo, baja kwunama imbere ya Yehova, hanyuma basubira iwabo i Rama+. Nuko Elikana aryamana n’umugore wiwe Hana, maze Yehova yitwararika* Hana+. 20 Mu kiringo c’umwaka*, Hana aribungenga avyara umuhungu amwita+ Samweli*, kuko yavuga ati: «Namusavye Yehova.»

21 Mu nyuma, Elikana aduga i Shilo gushikanira Yehova ikimazi+ yatanga buri mwaka be n’ishikanwa rijanye n’indagano. Yari kumwe n’abo mu rugo rwiwe bose. 22 Ariko Hana we ntiyagiye+, kuko yabwiye umugabo wiwe ati: «Uyu muhungu nzomujanayo niyamara gucuka. Azoheza arenguke imbere ya Yehova maze agumeyo+.» 23 Umugabo wiwe Elikana aca amubwira ati: «Kora ico ubona ko kibereye. Guma i muhira gushika acutse. Yehova aze agukorere ivyo uvuze.» Nya mugore rero aguma i muhira, yonsa uwo mwana gushika acutse.

24 Akimara kumucutsa, amudugana i Shilo, agenda atwaye ishuri y’imyaka itatu, n’ifu ingana n’ingero imwe ya efa* n’umubindi munini w’umuvinyu+. Ashika i Shilo+ ku nzu ya Yehova ari kumwe n’agahungu kiwe. 25 Maze bakerera nya shuri baraheza bazanira Eli ako gahungu. 26 Hana aca avuga ati: «Ntunga databuja! Ndarahiye imbere yawe ko ndi wa mugore yari kumwe nawe ng’aha asenga Yehova+. 27 Nasenga Yehova ndamusaba uyu muhungu, kandi yarampaye ico namusavye+. 28 Nanje ndamuhaye* Yehova. Azoguma ari uwa Yehova ubuzima bwiwe bwose.»

Aca* arunamira Yehova.

2 Maze Hana arasenga, avuga ati:

«Umutima wanje uranezerewe kubera Yehova+.

Yehova anyongerereje inkomezi*.

Ndavuga ata bwoba, nkigamba abansi banje,

kuko mpimbarwa n’ingene ukiza.

 2 Nta mweranda ariho ameze nkawe Yehova.

Nta n’umwe ameze nkawe+,

kandi nta gitandara kiriho kimeze nk’Imana yacu+.

 3 Nimureke kuvugana ubwibone.

Ntihagire na kimwe muvugana ubwishime,

kuko Yehova ari Imana izi vyose+.

Arasuzuma ata karenganyo ivyo abantu bakora.

 4 Imiheto y’abagabo b’intwari iravunagurwa,

ariko ab’intege nke* bagahabwa inkomezi+.

 5 Abahora barya neza babwirizwa guca ingero ngo baronke ico barya*,

mugabo abari bashonje, inzara barabaza+.

Uwahora ari ingumba yibarutse abahungu indwi+,

mugabo uwari yavyaye benshi, asigaye ari inyakamwe*.

 6 Yehova arashoboye kwica no gukiza*.

Arashoboye kumanura umuntu mu kuzimu no kumukurayo+.

 7 Yehova arashoboye gutuma umuntu akena canke atunga+.

Arashoboye kumumanura canke kumushira hejuru+.

 8 Ashira hejuru umuntu mutoyi amukuye mu mukungugu,

akaduza umworo amukuye mu kirundo c’umunyota*+,

kugira abicarike hamwe n’abanyacubahiro,

abahe ikibanza c’iteka.

Yehova ni we yashizeho imishinge y’isi+.

Kuri yo ni ho atereka isi*.

 9 Arinda ibirenge vy’intahemuka ziwe+.

Nayo ababisha, azobahonereza mu mwiza+,

kuko inkomezi atari zo zituma umuntu atsinda+.

10 Yehova azojanjagura abamurwanya*+.

Niyabasukako ishavu ryiwe, ijuru rizorekura imituragaro+.

Yehova azoca imanza gushika ku mpera z’isi+.

Azoha ububasha umwami wiwe+,

yongereze inkomezi* z’uwo yarobanuje amavuta*+.»

11 Maze Elikana asubira iwe i Rama. Wa mwana na we atangura gukorera Yehova+ ahagarikiwe n’umuherezi Eli.

12 Abahungu ba Eli bari abantu babi+, batubaha Yehova. 13 Hari ibintu abaherezi bari bafitiye uburenganzira ku mashikanwa abantu baba batanze+. Iyo rero umuntu ashikanye ikimazi, umusuku w’umuherezi yahengera inyama ziriko ziratogota, akaza afise icaruzo c’amenyo atatu. 14 Yaca acumita ico caruzo mu gisafuriya, mu nkono y’ikigōmbo* kimwe canke bibiri, canke mu kindi combo batekamwo. Ikintu cose nya caruzo caduza, umuherezi yaca agitwara. Ivyo ni vyo bagirira Abisirayeli bose baza i Shilo. 15 N’imbere y’uko nyene gutanga ikimazi aturira ikinure ngo gifumbe umwotsi+, umusuku w’umuherezi yaraza akamubwira ati: «Zana inyama zo kwokereza umuherezi. Ashaka mbisi, ntashaka izitogosheje.» 16 Nya muntu amubwiye ngo: «Reka babanze baturire ikinure gifumbe umwotsi+, uheze utware izo ushaka* zose», uwo musuku yaca avuga ati: «Oya. Zimpe ubu nyene, wanse ndazitware ku nguvu.» 17 Igicumuro ca nya basuku kiba igikomeye cane imbere ya Yehova+, kuko abo bagabo bakengera amashikanwa ahabwa Yehova.

18 Nayo Samweli yakorera+ imbere ya Yehova yambaye* efodi* yera+, naho yari akiri agahungu. 19 Kandi buri mwaka, nyina yaramukorera agahuzu katagira amaboko, akakamuduganira igihe yaba azananye n’umugabo wiwe i Shilo gushikana ikimazi batanga buri mwaka+. 20 Eli ahezagira Elikana n’umugore wiwe, avuga ati: «Yehova aguhe umwana kuri uyu mugore mu kibanza c’uwo mwahaye* Yehova+.» Nuko basubira iwabo. 21 Yehova yitwararika Hana maze avyara abandi bana+: abahungu batatu n’abakobwa babiri. Wa muhungu Samweli abandanya gukurira imbere ya Yehova+.

22 Nayo Eli yari ashaje cane. Yari yarumvise ibintu vyose abahungu biwe bakorera+ Abisirayeli bose be n’ingene baryamana n’abagore bakorera ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro+. 23 Yababwira ati: «Kubera iki muguma mukora ibintu nk’ivyo? Ibintu numva abantu bose babavugako ni bibi. 24 Oya bane banje, amakuru numva mu bantu ba Yehova si meza. 25 Umuntu acumuye kuri mugenziwe yoshobora kuronka uwumusabira kuri Yehova*. Ariko umuntu acumuye kuri Yehova+, ni nde yomusengera?» Mugabo ntibumviriza se wabo, kuko Yehova yari yiyemeje kubica+. 26 Nayo wa muhungu Samweli yaguma akura, agashimwa na Yehova n’abantu+.

27 Nuko umuntu w’Imana araza, abwira Eli ati: «Ibi ni vyo Yehova avuze: “Mbega sinihishuriye neza umuryango* wa sokuruza wawe igihe bari abashumba ba Farawo* mu Misiri+? 28 Ni we yatowe mu miryango yose ya Isirayeli+ ngo ambere umuherezi, atange ibimazi ku gicaniro canje+, aturire imibavu* yongere ankorere yambaye efodi. Kandi umuryango wa sokuruza wawe nawuhaye amashikanwa yose bashikanisha umuriro, atangwa n’Abisirayeli+. 29 Kubera iki none musuzugura* ibimazi n’amashikanwa nategetse ko banshikanira ku nzu yanje+? Kubera iki uguma utera iteka abahungu bawe kunduta, mukaguma mwirira ibipande vyiza cane vy’amashikanwa yose abantu banje b’Abisirayeli batanga, mukivyibuhira+?

30 Ni co gituma jewe Yehova Imana ya Isirayeli ngize nti: ‘Ni ivy’ukuri ko navuze yuko umuryango wawe n’umuryango wa sokuruza wawe yonkoreye* ibihe vyose+.’ Mugabo ubu jewe Yehova mvuze nti: ‘Ntibishoboka, kuko abantera iteka ari bo nzotera iteka+, ariko abansuzugura nzobasuzugura.’ 31 Ehe raba, mu misi iri mbere wewe n’umuryango wa sokuruza wawe nzobaka inkomezi* kugira ngo ntihazogire umuntu wo mu muryango wawe ashikira imyaka y’ubusaza+. 32 Igihe nzogirira neza Isirayeli, wewe uzoguma ubona umwansi mu nzu yanje+. Kandi mu muryango wawe nta mutama azosubira kubonekamwo. 33 Nzoreka umugabo umwe wo mu muryango wawe agume ankorera ku gicaniro canje. Azotuma amaso yawe aruha, agutere n’intuntu*. Mugabo benshi mu muryango wawe bazokwicwa n’inkota+. 34 Ibizoshikira abahungu bawe babiri Hofuni na Finehasi, ni vyo bizokubera ikimenyetso: bompi bazopfira umusi umwe+. 35 Nzoca ngena umuherezi w’umwizigirwa+. Azokora ivyo umutima wanje ugomba*, kandi abamukomokako bazoba abaherezi ibihe vyose*. Azokwama ari umuherezi* w’uwo narobanuje amavuta. 36 Uwuzosigara wese mu muryango wawe azoza amupfukamire kugira arabe ko yoronka amahera n’ico arya. Azomubwira ati: ‘Ndagusavye unshinge kimwe mu bikorwa vy’abaherezi, ndabe ko noronka ico ndya*+.’”»

3 Muri ico gihe, wa muhungu Samweli yakorera+ Yehova ahagarikiwe na Eli. Mugabo muri iyo misi, ijambo rya Yehova ryari risigaye ari imbonekarimwe, no kwerekwa+ ntivyaba kenshi.

2 Umusi umwe, Eli yari aryamye aho yama aryama. Amaso yiwe yari yatanguye guhuma, atakibona neza+. 3 Itara ry’Imana+ ntiryari bwazime, Samweli na we yari aryamye mu rusengero*+ rwa Yehova, aho isandugu y’Imana yari. 4 Yehova ahamagara rero Samweli, na we avuga ati: «Sabwe.» 5 Maze yiruka iyo Eli ari, amubwira ati: «Wari umpamagaye, nditavye.» Mugabo Eli avuga ati: «Sinaguhamagaye. Subira kuryama.» Nuko asubira kuryama. 6 Yehova yongera guhamagara ati: «Samweli!» Samweli aca aravyuka aja iyo Eli ari, amubwira ati: «Wari umpamagaye, nditavye.» Mugabo Eli avuga ati: «Sinaguhamagaye mwana, subira kuryama.» 7 (Samweli rero ntiyari bwamenye Yehova, kandi ntiyari bwatangure guhishurirwa ijambo rya Yehova+.) 8 Yehova yongera guhamagara ubugira gatatu ati: «Samweli!» Aca aravyuka aja iyo Eli ari, avuga ati: «Wari umpamagaye, nditavye.»

Nuko Eli atahura yuko Yehova ari we yariko arahamagara uwo muhungu. 9 Abwira rero Samweli ati: «Genda uryame, maze niyaguhamagara uvuge uti: “Mbwira Yehova, kuko jewe umusavyi wawe ndaguteze yompi.”» Samweli aca asubira kuryama.

10 Nuko Yehova araza, yongera guhamagara Samweli ati: «Samweli, Samweli!» Samweli aca yishura ati: «Numbwire, jewe umusavyi wawe ndaguteze yompi.» 11 Yehova aca abwira Samweli ati: «Ehe ngira nkore ikintu muri Isirayeli, uwuzocumva wese akaba azogwa mu gahundwe*+. 12 Kuri uwo musi nzokorera Eli n’umuryango* wiwe ivyo navuze vyose ku biberekeye, kuva ku ca mbere gushika ku ca nyuma+. 13 Umubwire yuko ngiye gushitsa urubanza ntabanduka naciriye umuryango wiwe kubera ikosa azi neza+, kuko abahungu biwe batuka* Imana+ yamara ntabakosore+. 14 Ni co gituma narahiye umuryango wa Eli yuko ata kimazi canke ishikanwa bizogenda bikuyeho ikosa ryabo+.»

15 Samweli araryama gushika mu gitondo. Maze yugurura imiryango y’inzu ya Yehova, ariko atinya kwiganira Eli ivyo yari yeretswe. 16 Nuko Eli ahamagara Samweli ati: «Mwananje Samweli!» Na we ati: «Sabwe.» 17 Amubaza ati: «Bwa bundi yakubwiye iki? Ndagusavye ntihagire ico umpisha. Imana izobiguhanire bimwe bikomeye, niwagira ico umpisha mu vyo yakubwiye vyose.» 18 Samweli amwiganira rero vyose, ntiyamuhisha na kimwe. Eli aca avuga ati: «Yehova ni we yabivuze. Nakore ivyo abona ko ari vyiza.»

19 Samweli abandanya gukura, kandi Yehova ubwiwe abana na we+. Mu vyo yavuga vyose, nta na kimwe Imana yareka ngo kigende kidashitse*. 20 Abisirayeli bose, kuva i Dani gushika i Beri-Sheba, bamenya yuko Samweli yari yagenywe kuba umuhanuzi wa Yehova. 21 Yehova abandanya kubonekera i Shilo, kuko ari ho Yehova yihishurira Samweli. Yehova yamwihishurira biciye ku vyo yamubwira+.

4 Samweli abandanya kubwira Abisirayeli bose ijambo rivuye ku Mana.

Maze Abisirayeli baja kurwana n’Abafilisitiya. Bakambika hafi y’i Ebenezeri, Abafilisitiya na bo bakambika i Afeki. 2 Nuko Abafilisitiya batonda urugamba ngo barwane n’Abisirayeli, mugabo urugamba rugendera nabi Abisirayeli, baratsindwa. Abafilisitiya bica abagabo nka 4.000 mu bari ku rubuga rw’intambara. 3 Ingabo zisubiye kw’ikambi, abashingantahe bo muri Isirayeli bavuga bati: «Kubera iki uyu musi Yehova yaretse Abafilisitiya bakadutsinda*+? Reka tuje i Shilo dutore isandugu y’isezerano rya Yehova tuyizane+, idukize abansi bacu.» 4 Nuko abantu barungika i Shilo abaja gutora isandugu y’isezerano rya Yehova Nyeningabo, umwe yicaye ku ntebe y’ubwami hejuru* y’abakerubi+. Ba bahungu babiri ba Eli, ari bo Hofuni na Finehasi+, baza bazananye n’iyo sandugu y’isezerano ry’Imana y’ukuri.

5 Isandugu y’isezerano rya Yehova ikimara gushika mw’ikambi, Abisirayeli bose biha akaruru gakomeye, ku buryo isi inyiganyiga. 6 Abafilisitiya bumvise ako karuru, babazanya bati: «Ako karuru gakomeye kari mw’ikambi y’Abaheburayo ni ak’iki?» Barahava bamenya yuko isandugu ya Yehova yashitse mw’ikambi. 7 Abafilisitiya bagira ubwoba, kuko bavuga bati: «Imana yashitse mw’ikambi+!» Bibwira rero bati: «Turagowe kuko ata kintu nk’iki cari bwigere kiba. 8 Turagowe! Ni nde adukiza iyo Mana ikomeye? Iyo ni ya Mana yateza ivyago Misiri, inganda zigatikira mu bugaragwa+. 9 Ntimugire ubwoba, yemwe Bafilisitiya. Nimube abagabo kugira Abaheburayo ntibatuganze nk’uko natwe twabaganje+. Nimube abagabo, murwane!» 10 Nuko Abafilisitiya barwana n’Abisirayeli, barabatsinda+. Abisirayeli barahunga, umwe wese aja iwe. Inganda ziratikira, hapfa abasoda b’Abisirayeli 30.000. 11 Isandugu y’Imana na yo irafatwa, na ba bahungu babiri ba Eli, Hofuni na Finehasi, barapfa+.

12 Umugabo umwe w’Umubenyamini ava ahariko habera urugamba yiruka, ashika i Shilo uwo musi nyene. Yari yitaburiyeko impuzu, yisutseko n’ivu ku mutwe*+. 13 Eli yari yicaye ku ntebe iruhande y’ibarabara, areretse. Yari ahagaritse umutima cane kubera isandugu y’Imana y’ukuri+. Wa mugabo ashitse, yinjira mu gisagara kumenyesha iyo nkuru, maze igisagara cose gitangura kuboroga. 14 Eli yumvise ayo maborogo, abaza ati: «Urwo rwamo ni urw’iki?» Nya mugabo aca aranyaragasa aja kumenyesha Eli iyo nkuru. 15 (Eli yari afise imyaka 98. Amaso yiwe yari yarahumye, atakibona+.) 16 Nya mugabo abwira Eli ati: «Ni jewe mvuye aho urugamba rwariko rurabera. Navuyeyo uyu musi nyene mpunze.» Eli aca amubaza ati: «Vyagenze gute ga mwananje?» 17 Uwo muntu yari azanye inkuru amwishura ati: «Abisirayeli bahunze Abafilisitiya kandi batsinzwe bimwe bikomeye+. Ba bahungu bawe babiri Hofuni na Finehasi na bo nyene bapfuye+, n’isandugu y’Imana y’ukuri yafashwe+.»

18 Akivuga isandugu y’Imana y’ukuri, Eli aca agwa agaramye avuye kuri ya ntebe yari yicayeko iruhande y’irembo ry’igisagara. Avunika izosi aca arapfa kuko yari ashaje kandi yiremereye. Yari amaze imyaka 40 ari umucamanza muri Isirayeli. 19 Umukazana wiwe, umugore wa Finehasi, yari yibungenze ari mu kwibaruka. Yumvise ko isandugu y’Imana y’ukuri yafashwe be n’uko sebukwe n’umugabo wiwe bapfuye, aca arunama kubera ububabare. Ibise bimufata giturumbuka, aribaruka. 20 Maze agira apfe, abagore bari iruhande yiwe bamubwira bati: «Ntugire ubwoba kuko uvyaye umuhungu.» Mugabo ntiyabishura kandi ntiyavyitaho*. 21 Uwo muhungu amwita Ikabodi*+, avuga ati: «Ubuninahazwa bwavuye kuri Isirayeli buja mu bunyagano+.» Yavuze gutyo kubera isandugu y’Imana y’ukuri yari yafashwe no kubera sebukwe n’umugabo wiwe bari bapfuye+. 22 Yavuze ati: «Ubuninahazwa bwavuye kuri Isirayeli buja mu bunyagano, kuko isandugu y’Imana y’ukuri yafashwe+.»

5 Abafilisitiya bamaze gufata isandugu+ y’Imana y’ukuri, bayikura i Ebenezeri bayijana i Ashidodi. 2 Hanyuma bayinjiza mu rusengero* rwa Dagoni, bayihagarika iruhande ya Dagoni+. 3 Bukeye Abanyashidodi bavyuka kare, basanga igishusho ca Dagoni caguye cubamye imbere y’isandugu ya Yehova+. Baca baragitora bagisubiza mu kibanza caco+. 4 Bavyutse kare mu gitondo ku musi ukurikira, basanga igishusho ca Dagoni caguye cubamye imbere y’isandugu ya Yehova. Umutwe n’ibiganza vyaco vyompi vyari vyacitse, biri ku bwinjiriro bw’urusengero. Igihimba caco kimeze nk’ifi ni co conyene* ata co cari cabaye. 5 Ni co gituma gushika n’uyu musi abaherezi ba Dagoni n’abinjira mu rusengero rwa Dagoni bose badahonyora mu bwinjiriro bw’urwo rusengero ruri i Ashidodi.

6 Yehova ahana ababa i Ashidodi bimwe bikomeye. Ababa muri ico gisagara no mu turere tuhakikuje abateza ibivyimba*, abamerera nabi+. 7 Abanyashidodi babonye ivyariko birabashikira bavuga bati: «Ntidukwiye kugumana isandugu y’Imana ya Isirayeli, kuko iyo Mana yatumereye nabi, twe n’imana yacu Dagoni.» 8 Batumako rero abatware bose b’Abafilisitiya. Bamaze gukorana, bababaza bati: «Isandugu y’Imana ya Isirayeli tuyigenze gute?» Bishura bati: «Iyo sandugu y’Imana ya Isirayeli nije i Gati+.» Nuko bayijanayo.

9 Iyo sandugu imaze gushikayo, Yehova ahana ababa muri ico gisagara, bagira ubwoba bwinshi. Abateza ivyago, kuva ku muto gushika ku mukuru, baturika ibivyimba+. 10 Barungika rero iyo sandugu y’Imana y’ukuri i Ekuroni+. Mugabo igishikayo, abantu b’i Ekuroni batangura kuboroga bati: «Bazanye ya sandugu y’Imana ya Isirayeli iwacu kugira batwice twe n’abacu+.» 11 Batumako rero abatware bose b’Abafilisitiya. Bamaze gukorana, bababwira bati: «Nimurungike isandugu y’Imana ya Isirayeli isubire iyo yaje iva kugira twe n’abacu ntidupfe.» Ababa mu gisagara bose batinya ko bohava bapfa, kuko Imana y’ukuri yari yabamereye nabi cane+. 12 Abatapfuye, barwaye ibivyimba. Ababa muri ico gisagara baguma batabaza. Amaborogo yabo araduga gushika mw’ijuru.

6 Isandugu+ ya Yehova yamaze amezi indwi mu karere k’Abafilisitiya. 2 Abafilisitiya bahamagara abaherezi n’abaragura+, bababaza bati: «Tugenze gute isandugu ya Yehova? Nimutubwire ingene twoyirungika iyo yaje iva.» 3 Babishura bati: «Nimwarungika isandugu y’isezerano rya Yehova Imana ya Isirayeli, ntimuze muyirungike itari kumwe n’ishikanwa. Mukwiye kuyisubiza Imana iri kumwe n’ishikanwa ryo gusaba imbabazi+. Aho ni ho gusa muzokira, mukamenya n’igituma yagumye ibahana.» 4 Na bo babaza bati: «Ishikanwa ryo gusaba imbabazi twoyirungikira ni nyabaki?» Babishura bati: «Muze muyirungikire ibivyimba* bitanu bikozwe mu nzahabu be n’imbeba zitanu zikozwe mu nzahabu, mwisunze igitigiri c’abatware b’Abafilisitiya+. Nakare mwebwe mwese n’abatware banyu mwashikiwe n’ikiza kimwe. 5 Mukore ibintu bifise ishusho y’ibivyimba n’ibifise ishusho y’imbeba+ ziriko zihonya igihugu canyu, maze mutere iteka Imana ya Isirayeli. Kumbure izobatezurira mwebwe n’imana yanyu n’igihugu canyu+. 6 Kubera iki mworinda gukomantaza umutima nka Farawo n’Abanyamisiri+? Imana imaze kubamerera nabi cane+, baruhiye kurungika Abisirayeli+. 7 Nimurondere rero umukogote mushasha n’inka zibiri zonsa zitarigera zikorera umutwaro. Mubohere nya nka kuri uwo mukogote mugabo inyana zazo muzicure ntizizikurikire. 8 Mufate isandugu ya Yehova muyishire kuri uwo mukogote, iruhande yayo muhashire agasandugu karimwo vya bintu bikozwe mu nzahabu murungikiye Imana nk’ishikanwa ryo gusaba imbabazi+. Muheze muyirungike igende. 9 Nimwabona iduganye inzira ija i Beti-Shemeshi+ mu karere yaje ivamwo, tuzoca tumenya ko Imana y’Abisirayeli ari yo yadukoreye iki kibi gikomeye. Ariko nitafata iyo nzira, tuzoca tumenya ko atari yo yaduteje ivyago, ahubwo ko vyapfuye guhurirana.»

10 Nuko babigenza gutyo. Bafata inka zibiri zonsa bazibohera ku mukogote, inyana zazo na zo bazugaranira muhira. 11 Maze bashira kuri uwo mukogote ya sandugu ya Yehova na ka gasandugu karimwo za mbeba zikozwe mu nzahabu na vya bivyimba bakora. 12 Nya nka zigenda zitumbereye mu nzira ija i Beti-Shemeshi+. Ziguma mw’ibarabara rikuru, zigenda zirabira, ntizakatira iburyo canke ibubamfu. Aho hose ba batware b’Abafilisitiya bagendera inyuma yazo, gushika ku rubibe rwa Beti-Shemeshi. 13 Abantu b’i Beti-Shemeshi bariko barimbura ingano mu kiyaya. Bunamuye amaso bakabona nya sandugu, baranezerwa cane. 14 Wa mukogote uja mu murima wa Yosuwa w’i Beti-Shemeshi, uhagarara hafi y’ibuye rinini. Baca basatura ibiti vya nya mukogote, maze za nka+ ziba ari zo bashikanira Yehova nk’ishikanwa riturirwa.

15 Abalewi+ bururutsa rero isandugu ya Yehova na ka gasandugu karimwo vya bintu bikozwe mu nzahabu, baca babishira kuri rya buye rinini. Kuri uwo musi abantu b’i Beti-Shemeshi+ bashikanira Yehova amashikanwa aturirwa be n’ibimazi.

16 Ba batware batanu b’Abafilisitiya babibonye baca basubira i Ekuroni kuri uwo musi nyene. 17 Ibivyimba bikozwe mu nzahabu Abafilisitiya barungikiye Yehova nk’ishikanwa ryo gusaba imbabazi ni ibi+: kimwe ca Ashidodi+, kimwe ca Gaza, kimwe ca Ashikeloni, kimwe ca Gati+ na kimwe ca Ekuroni+. 18 Igitigiri c’imbeba zikozwe mu nzahabu cangana n’igitigiri c’ibisagara vyose vy’Abafilisitiya vya ba batware batanu. Aho harimwo ibisagara bikingijwe ibihome n’ibigwati bidakingijwe ibihome.

Na yo rya buye rinini baterekako isandugu ya Yehova riracahagaze nk’icibutso mu murima wa Yosuwa w’i Beti-Shemeshi, gushika n’uyu musi. 19 Ariko Imana yica abantu 50.070* b’i Beti-Shemeshi kubera bari baravye isandugu ya Yehova. Abantu batangura kuboroga kuko Yehova yari yishe benshi cane muri bo+. 20 Nuko abantu b’i Beti-Shemeshi bibaza bati: «Ni nde azoshobora guhagarara imbere y’iyo Mana nyeranda Yehova+? Mbega yemwe ntiyova iwacu ikaja ahandi+?» 21 Batuma rero intumwa ku baba i Kiriyati-Yeyarimu+ bati: «Abafilisitiya bagarukanye isandugu ya Yehova. Nimuze muyitore, muyidugane iwanyu+.»

7 Maze abantu b’i Kiriyati-Yeyarimu baraza badugana isandugu ya Yehova, bayinjiza mu nzu ya Abinadabu+ ku gasozi. Hanyuma beza umuhungu wiwe Eleyazari ngo arinde iyo sandugu ya Yehova.

2 Maze haca ikiringo kinini c’imyaka 20, kuva umusi isandugu yaza i Kiriyati-Yeyarimu. Abisirayeli bose batangura kurondera* Yehova+. 3 Nuko Samweli abwira Abisirayeli bose ati: «Nimba mugarutse kuri Yehova n’umutima wanyu wose+, nimukureho imana z’inyamahanga+ n’ibishusho vya Ashitoreti+ mufise. Muheze mushire umutima wanyu wose kuri Yehova, abe ari we mukorera+, na we azobakiza Abafilisitiya+.» 4 Abisirayeli baca bakuraho za Bayali n’ibishusho vya Ashitoreti, bakorera Yehova wenyene+.

5 Maze Samweli avuga ati: «Nimukoranirize Abisirayeli bose i Mizipa+, ndabasengere kuri Yehova+.» 6 Nuko bakoranira i Mizipa, bavoma amazi bayasuka imbere ya Yehova. Kuri uwo musi barisonzesha+, bavuga bati: «Twaracumuye kuri Yehova+.» Samweli rero atangura gucira imanza+ Abisirayeli i Mizipa.

7 Abafilisitiya bumvise ko Abisirayeli bari bakoraniye i Mizipa, abatware b’Abafilisitiya+ baca baduga kubatera. Abisirayeli ngo bavyumve, bagira ubwoba kubera Abafilisitiya. 8 Abisirayeli rero babwira Samweli bati: «Bandanya kudusabira kuri Yehova Imana yacu adutabare+, adukize Abafilisitiya.» 9 Nuko Samweli afata umwagazi w’intama wonka, awushikanira Yehova nk’ishikanwa riturirwa uko ryakabaye+. Atabariza Abisirayeli kuri Yehova, Yehova na we aramwishura+. 10 Samweli akiriko arashikana nya shikanwa riturirwa, Abafilisitiya baregereza kugira batere Abisirayeli. Kuri uwo musi, Yehova arekurira imituragaro ikomeye+ ku Bafilisitiya, bicwa n’ubwoba+ maze Abisirayeli barabatsinda+. 11 Nuko Abisirayeli bava i Mizipa bakurikira Abafilisitiya, bagenda barabica gushika mu bumanuko bw’i Beti-Kari. 12 Maze Samweli atora ibuye+, arishinga hagati y’i Mizipa n’i Yeshana. Araheza aryita Ebenezeri* kuko yavuga ati: «Yehova aguma adutabara gushika n’ubu+.» 13 Gutyo Abafilisitiya baraneshwa, ntibongera kugaruka mu karere ka Isirayeli+. Yehova abandanya kurwanya Abafilisitiya igihe cose Samweli yamaze akiriho+. 14 Bisubiye, Abisirayeli bagaruza ibisagara Abafilisitiya bari barabatwaye n’uturere twavyo, kuva i Ekuroni gushika i Gati.

Ariko kandi haba amahoro hagati y’Abisirayeli n’Abamori+.

15 Samweli abandanya gucira imanza Abisirayeli igihe cose yamaze akiriho+. 16 Buri mwaka yaraja i Beteli+, i Gilugali+ n’i Mizipa+, agacira imanza Abisirayeli. 17 Mugabo yaca asubira i Rama+ kuko ari ho yari afise inzu, kandi na ho nyene yarahacira imanza z’Abisirayeli. Aho i Rama ahubakira Yehova igicaniro+.

8 Samweli amaze gusaza, agena abahungu biwe ngo babe abacamanza ba Isirayeli. 2 Umuhungu wiwe w’imfura yitwa Yoweli, uwa kabiri akitwa Abiya+. Bacira imanza i Beri-Sheba. 3 Mugabo abo bahungu ntibakurikiye akarorero ka se. Bironderera itunga mu buryo bubi+, bakarya igiturire+, bakagoreka n’imanza+.

4 Mu nyuma abashingantahe bo muri Isirayeli bose bakoranira hamwe, baza kuraba Samweli i Rama. 5 Bamubwira bati: «Ehe raba washaje, kandi abahungu bawe ntibakurikiye akarorero kawe. Nugene rero umwami azoducira imanza nk’uko biri mu yandi mahanga yose+.» 6 Mugabo bibabaza Samweli* bavuze ngo abahe umwami wo kubacira imanza. Samweli aca asenga Yehova. 7 Maze Yehova abwira Samweli ati: «Niwumvirize ivyo bakubwira vyose kuko atari wewe banse, ahubwo ni jewe banse ngo sindababere umwami+. 8 Ivyo bariko baragira ni nk’ivyo bagize kuva umusi nabakura mu Misiri gushika n’uyu musi. Baguma bampeba+ bagasenga* izindi mana+, kandi nawe ni vyo bariko barakugirira. 9 Nukore rero ivyo bagusavye, ariko ubaburire ushimitse, bamenye ivyo umwami wabo azoba afise uburenganzira bwo kubasaba.»

10 Nuko Samweli abwira abariko bamusaba umwami ivyo Yehova yavuze vyose. 11 Ababwira ati: «Ng’ibi ivyo umwami wanyu azoba afise uburenganzira bwo kubasaba+: azofata abahungu banyu+ abazeze imikogote yiwe+, baje no mu bantu biwe bagendera ku mafarasi+. Bamwe muri bo bazoza bariruka imbere y’imikogote yiwe. 12 Azokwitorera abazoba abakuru batwara imigwi y’abantu 1.000+ n’abatwara imigwi y’abantu 50+. Bamwe bazomurimira+, abandi bimbure umwimbu wiwe+, abandi na bo bakore ibirwanisho vyiwe n’ivyuma vy’imikogote yiwe+. 13 Abakobwa banyu azobatwara kugira babe abajejwe gukora amavuta*, abateka n’abotsa imikate+. 14 Azotwara amatongo yanyu mezameza n’imirima yanyu y’imizabibu myizamyiza, n’imirima yanyu y’imyelayo* myizamyiza+, abihe abasuku biwe. 15 Ku ntete n’inzabibu muzokwimbura azotwara ic’icumi agihe abatware bo ku kirimba n’abasuku biwe. 16 Azotwara abasuku banyu n’abasukukazi banyu n’inka zanyu nzizanziza, n’indogobwa zanyu, abikoreshe mu bikorwa vyiwe+. 17 Azotwara ic’icumi c’intama zanyu n’impene zanyu+, namwe mube abasuku biwe. 18 Hazogera igihe murira kubera umwami mwitoreye+, mugabo uwo musi Yehova ntazobishura.»

19 Ariko abantu banka kwumviriza Samweli, bavuga bati: «Ntaco, twishakira umwami nta kindi. 20 Tuzoheza tube nk’ayandi mahanga yose. Umwami wacu azoducira imanza, atuje imbere, aturwanire.» 21 Samweli amaze kwumva ibintu vyose abo bantu bavuze, aca aja kubibwira Yehova. 22 Yehova abwira Samweli ati: «Kora ivyo bagusavye, ugene umwami azobaganza+.» Samweli aca abwira Abisirayeli ati: «Umwe wese nasubire mu gisagara abamwo.»

9 Hari umugabo umwe wo mu muryango wa Benyamini yitwa Kishi+. Yari mwene Abiyeli, Abiyeli mwene Zerori, Zerori mwene Bekorati, Bekorati mwene Afiya. Yari Umubenyamini+ kandi yari atunze cane. 2 Yari afise umusore mwiza yitwa Sawuli+. Nta n’umwe mu Bisirayeli yamurusha ubwiza. Yasumvya uburebure abantu bose, ku buryo muremure yamugera ku bitugu.

3 Umusi umwe indogobwa* za Kishi se wa Sawuli zaratakaye. Kishi aca abwira umuhungu wiwe Sawuli ati: «Ndagusavye ujane n’umusuku umwe kurondera izo ndogobwa.» 4 Baca mu karere k’imisozi ka Efurayimu n’i Shalisha, mugabo ntibazitora. Maze baca i Shayalimu, ariko ntibazibona. Baca no mu karere kose k’Ababenyamini, na ho nyene ntibazitora.

5 Bashitse i Zufi, Sawuli abwira umusuku wiwe ati: «Ingo dusubire inyuma, dawe ntahave ahagarika umutima yibaza ivyadushikiye, aho kwiyumvira za ndogobwa+.» 6 Mugabo nya musuku amwishura ati: «Urazi, muri iki gisagara hariho umuntu w’Imana kandi arubahwa. Ivyo avuze vyose vyama bishika+. Ingo tujeyo, hari aho yotubwira inzira twojana.» 7 Sawuli aca abwira uwo musuku wiwe ati: «None uwo muntu tugenda tumushiriye iki? Nta mukate dusigaranye mu masaho. Nta ngabire n’imwe dufise twoshira uwo muntu w’Imana y’ukuri. Hari ico dusigaranye twomuha?» 8 Nya musuku amwishura ati: «Ehe mfise ica kane ca shekeli* y’ifeza. Ndaza kugiha uwo muntu w’Imana y’ukuri, aheze atubwire inzira twojana.» 9 (Aho hambere muri Isirayeli, umuntu agiye gusiguza Imana yavuga ati: «Ingo tuje kuraba uwuhishurirwa n’Imana*+.» Kuko uwo twita umuhanuzi ico gihe bamwita uwuhishurirwa n’Imana.) 10 Maze Sawuli abwira umusuku wiwe ati: «Ivyo uvuze ni vyo, ingo tugende.» Nuko baja mu gisagara uwo muntu w’Imana y’ukuri yarimwo.

11 Bariko badugana inzira ija mu gisagara, bahura n’abakobwa bagiye kuvoma. Bababaza rero bati: «Hari uwuhishurirwa n’Imana*+ yoba ari ng’aha?» 12 Na bo bishura bati: «Egome. Ari hariya imbere. Nimunyaruke. Uyu musi yaje mu gisagara kubera ko abantu baza gutangira ikimazi+ ahantu hataramutse basengera+. 13 Mukimara kwinjira mu gisagara, muca mumubona. Nimunyaruke kuko aca aduga gufungurira aho hantu basengera. Abantu bafungura ari uko ashitse kubera ko ari we ahezagira nya kimazi. Ahejeje kugihezagira ni ho abatumiwe baheza bagafungura. Nimuduge ubu nyene muca mumubona.» 14 Baca baraduga mu gisagara. Bashitseyo, baza babona Samweli aje guhura na bo ngo bajane ha hantu hataramutse basengera.

15 Buca Sawuli aza, Yehova yari yabwiye Samweli* ati: 16 «Ejo nk’aya mango nzokurungikira umuntu ava mu karere ka Benyamini+. Uze umurobanuze amavuta* abe indongozi y’abantu banje b’Abisirayeli+. Azokiza abantu banje abakure mu vyara vy’Abafilisitiya, kuko nabonye amarushwa yabo nkumva n’amaborogo yabo+.» 17 Samweli abonye Sawuli, Yehova aca amubwira ati: «Ng’uyo wa muntu nakubwira nti: “Uyo ni we azoganza abantu banje*+.”»

18 Nuko Sawuli yegera Samweli aho yari ari mw’irembo ry’igisagara, amubwira ati: «Ndakwibarize, wondangira aho uwuhishurirwa n’Imana* aba?» 19 Samweli amwishura ati: «Ni jewe. Ja imbere, tugende ahantu hataramutse basengera, kandi uyu musi turasangira+. Nzoheza ndakurungike ejo mu gitondo nongere ndakubwire ivyo ushaka kumenya vyose*. 20 Nayo za ndogobwa zimaze imisi itatu zitakaye+, ntiziguhagarike umutima kuko bamaze kuzitora. None ibintu vyose vy’agaciro vyo muri Isirayeli wibaza ko ari ivya nde? Si ivyawe n’umuryango wose wa so+?» 21 Sawuli aca yishura ati: «Erega jewe mva mu Babenyamini, umuryango mutoyi cane mu miryango yose ya Isirayeli+. Kandi umuryango wa dawe ni wo muryango ata co uvuze mu miryango yose y’Ababenyamini. Kubera iki none umbwiye gutyo?»

22 Samweli aca ajana Sawuli n’umusuku wiwe aho bafungurira, maze abicarika mu kibanza c’iteka mu bandi batumire bose. Bari abagabo nka 30. 23 Samweli aca abwira uwuteka ati: «Zana ca gipande naguha nkakubwira ngo ugishire ku ruhande.» 24 Nya mutetsi aca atora ukuguru n’inyama bifatanye, abitereka imbere ya Sawuli. Maze Samweli avuga ati: «Ng’ibi ivyo twari twakubikiye. Fungura kuko bari babikubikiye ku bw’uyu musi. Nari nababwiye ko mfise abatumire.» Nuko uwo musi Sawuli asangira na Samweli. 25 Hanyuma bava aho hantu basengera+ bamanuka mu gisagara. Samweli abandanya kuyaga na Sawuli bari hejuru ku nzu*. 26 Ku musi ukurikira, bavyuka kare. Hakiri mu mutwenzi, Samweli ahamagara Sawuli iyo ari hejuru ku nzu, amubwira ati: «Niwitegure, ndakurungike ugende.» Sawuli aca aritegura maze we na Samweli barasohoka. 27 Bakiriko baramanuka berekeza ku mpera y’igisagara, Samweli abwira Sawuli ati: «Bwira uwo musuku+ arengane imbere yacu.» Nuko ararengana. Samweli yongerako ati: «Nayo wewe, banza uhagarare ndakubwire ubutumwa buvuye ku Mana.»

10 Samweli atora rero agakarabo k’amavuta, ayasuka ku mutwe wa Sawuli+, araheza aramusoma avuga ati: «Ni wewe Yehova arobanuje amavuta* ngo ube indongozi+ y’abantu biwe*+. 2 Uyu musi nyene nitwavana uraza guhura n’abagabo babiri hafi y’imva ya Rasheli+ i Zeluza, mu karere ka Benyamini. Barakubwira bati: “Za ndogobwa waja kurondera zarabonetse. Mugabo ubu so wawe ntizikimuhagaritse umutima+, ahubwo ni mwe mumuhagaritse umutima. Aguma yibaza ico yokora ngo atore umuhungu wiwe.” 3 Uce ubandanya gushika ku giti kinini c’i Tabora. Urahahurira n’abagabo batatu baduze gusenga Imana y’ukuri i Beteli+. Umwe aza kuba atwaye imyagazi itatu y’impene, uwundi imikate itatu, uwundi na we yikoreye umubindi munini w’umuvinyu. 4 Baraza kukubaza amakuru yawe bace baguha n’imikate ibiri, kandi uyakire. 5 Inyuma y’ivyo uce uja ku gasozi k’Imana y’ukuri, ahari ikirindiro c’Abafilisitiya. Niwashika mu gisagara, urahura n’umugwi w’abahanuzi bavuye ahantu hataramutse basengera. Bazoba bariko baravuga ubuhanuzi, imbere yabo hari abantu bavuza igicurarangisho c’imirya n’akagoma n’umwironge n’inanga. 6 Impwemu ya Yehova ica iguha inkomezi+ utangure nawe kuvuga ubuhanuzi nka bo, uhinduke uwundi muntu+. 7 Ivyo bintu nkubwiye nivyaba, uze gukora ivyo ubona ko bibereye vyose, kuko Imana y’ukuri iri kumwe nawe. 8 Uheze umanuke i Gilugali+ unyitangire imbere. Nanje nzomanukayo nje gushikana ibimazi biturirwa, n’ibimazi vyo gusangira. Uzondindire imisi indwi gushika ndagusanzeyo. Nzoheza ndakumenyeshe ico wokora.»

9 Sawuli akimara kuvana na Samweli, Imana ica itangura guhindura umutima wiwe. Vya bintu vyose Samweli yamubwira biba kuri uwo musi. 10 Nuko bava* ng’aho baja kuri ka gasozi maze umugwi w’abahanuzi uhura na Sawuli. Ako kanya impwemu y’Imana imuha inkomezi+, atangura kuvuga ubuhanuzi+ nka bo. 11 Abari bamuzi bose bamubonye avuga ubuhanuzi ari kumwe n’abahanuzi, babwirana bati: «Mbega mwene Kishi vyamugendeye gute? Sawuli yakabaye na we nyene ari umuhanuzi?» 12 Maze umuntu umwe w’aho hantu avuga ati: «Abo bahanuzi bandi bo ni bene nde?» Ni ho havuye iyi mvugo* ngo: «Sawuli yakabaye na we nyene ari umuhanuzi+?»

13 Arangije kuvuga ubuhanuzi aca aja ha hantu hataramutse basengera. 14 Mu nyuma, sewabo wa Sawuli abwira Sawuli n’umusuku wiwe ati: «Mwari mwaroye he?» Yishura ati: «Kurondera za ndogobwa+. Mugabo tuzibuze twaciye tuja kuraba Samweli.» 15 Sewabo aca avuga ati: «Ndagusavye umbwire ivyo Samweli yababwiye.» 16 Sawuli na we amwishura ati: «Yatubwiye ko za ndogobwa zamaze kuboneka.» Mugabo ntiyamubwira ivyo Samweli yamubariye ku bijanye no kuba umwami.

17 Nuko Samweli akoraniriza abantu imbere ya Yehova i Mizipa+. 18 Abwira Abisirayeli ati: «Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: “Ni jewe nakuye Abisirayeli mu Misiri, ndabakura mu vyara vy’Abanyamisiri+, ndabakiza n’ayandi mahanga yose yabacinyiza. 19 Mugabo uyu musi mwanse Imana yanyu+ yabakijije amabi yose mwaciyemwo n’amarushwa yanyu yose, muvuga muti: ‘Nugene umwami azotuganza.’ Nimuhagarare rero imbere ya Yehova mukurikije imiryango yanyu n’imigwi y’abantu 1.000.”»

20 Nuko Samweli asaba imiryango yose ya Isirayeli ngo yegere+, maze umuryango wa Benyamini uratorwa+. 21 Hanyuma asaba umuryango wa Benyamini ngo wegere hakurikijwe ingo ziwugize, maze hatorwa Abamatiri. Amaherezo Sawuli mwene Kishi aratorwa+. Mugabo baramurondera baramubura. 22 Baca babaza Yehova+ bati: «Uwo mugabo yoba yamaze gushika hano?» Yehova yishura ati: «Ng’urya iyo yinyegeje mu mizigo.» 23 Nuko biruka kumukurayo maze ahagarara hagati mu bantu. Bose yarabasumba ku buryo muremure yamugera ku bitugu+. 24 Samweli abwira abantu bose ati: «Mwabonye uwo Yehova yatoye+? Mubona hari n’umwe ameze nka we mu bantu bose?» Abantu bose baca batangura gusemerera bati: «Umwami nahangame!»

25 Maze Samweli abwira abantu ivyo abami bafitiye uburenganzira+. Avyandika mu gitabu araheza agishira imbere ya Yehova. Hanyuma Samweli arungika abantu bose, umwe wese asubira iwe. 26 Sawuli na we aja ku rugo iwe i Gibeya aherekejwe n’abarwanyi Yehova yari yakoze ku mutima. 27 Ariko abantu bamwebamwe b’imburakimazi bavuga bati: «Mbega uyu azodukiza gute+?» Nuko baramusuzugura, ntibamuzanira ingabire+. Mugabo ntiyagira ico abivuzeko*.

11 Maze Nahashi Umwamoni+ araduga akambika hafi y’i Yabeshi+ mu karere ka Gileyadi ngo ahatere. Abagabo bose b’i Yabeshi baca babwira Nahashi bati: «Girana isezerano natwe uheze utuganze.» 2 Nahashi Umwamoni abishura ati: «Ndagirana isezerano namwe nimwemera ko mwese ndabanogora ijisho ry’iburyo, kugira ntetereze Abisirayeli bose.» 3 Abashingantahe b’i Yabeshi na bo basubizayo bati: «Duhe imisi indwi turungike intumwa mu karere kose ka Isirayeli. Nitutaronka uwudutabara, tuzoca twishikana.» 4 Amaherezo nya ntumwa zishika i Gibeya+ aho Sawuli yaba* maze zibwira abantu ayo majambo. Abantu bose baca bararira, baraboroga cane.

5 Maze Sawuli arashika avuye mu mirima ayoboye inka. Abaza ati: «Habaye iki ko abantu bariko bararira?» Nuko bamwiganira ivyo abagabo b’i Yabeshi bavuze. 6 Sawuli yumvise ayo majambo, impwemu y’Imana ica imuha inkomezi+, maze arurumba ishavu. 7 Afata rero impfizi zibiri arazikatagura, maze ibihimba vyazo abirungikana intumwa mu karere kose ka Isirayeli. Izo ntumwa zagenda zibwira abantu ziti: «Uku ni ko tuzogira inka z’umuntu wese atazokurikira Sawuli na Samweli.» Nuko abantu bagira ubwoba buvuye kuri Yehova baca bakoranira hamwe bahuje inama*. 8 Sawuli abaharurira i Bezeki. Hari abagabo 30.000 bo mu muryango wa Yuda n’abagabo 300.000 bo mu yindi miryango ya Isirayeli. 9 Babwira rero intumwa zari zavuye i Yabeshi bati: «Gende mubwire abagabo b’i Yabeshi mu karere ka Gileyadi ko ejo mu masasita* bazoba batabawe.» Nuko nya ntumwa ziragenda zibimenyesha abagabo b’i Yabeshi, na bo baranezerwa cane. 10 Abagabo b’i Yabeshi babwira rero Abamoni bati: «Ejo tuzokwishikana, mutugire uko mugomba+.»

11 Ku musi ukurikira, Sawuli agabura abantu mu migwi itatu. Hanyuma binjira mw’ikambi y’Abamoni mw’iterama ryo mu gitondo*, bica Abamoni+ gushika mu masasita*. Abacitse kw’icumu barashwiragiye, umwe wese ahunga ukwiwe. 12 Abantu rero babwira Samweli bati: «Ba bantu bavuze ko badashaka ko Sawuli atuganza bari he+? Nimubaduhe tubice.» 13 Mugabo Sawuli avuga ati: «Uyu musi nta muntu aza kwicwa+, kuko uyu musi Yehova yatabaye Isirayeli.»

14 Mu nyuma Samweli abwira abantu ati: «Ingo tuje i Gilugali+ dusubire tumenyeshe ko Sawuli ari umwami+.» 15 Nuko abantu bose baja i Gilugali, bimika Sawuli imbere ya Yehova aho i Gilugali. Hanyuma batanga ibimazi vyo gusangira ng’aho imbere ya Yehova+. Sawuli n’Abisirayeli bose bagira umusi mukuru baranezerwa cane+.

12 Amaherezo Samweli abwira Abisirayeli bose ati: «Narakoze* ivyo mwansavye vyose ndagena umwami wo kubaganza+. 2 Ng’uyu umwami abatwara*+. Nayo jewe ndashaje, mfise n’imvi ku mutwe. Abahungu banje na bo muri kumwe+. Mwebwe narabayoboye kuva nkiri muto gushika n’uyu musi+. 3 Ndi hano. Nimunyagirize imbere ya Yehova n’imbere y’uwo yarobanuje amavuta*+. Ni nde natwaye impfizi canke indogobwa+? Ni nde naririye utwiwe canke nakandamije? Hari uwampaye igiturire* nkacakira bigatuma nirengagiza ivyo yakoze+? Nimba hari ivyo natwaye, nimuvuge ndabibasubize+.» 4 Na bo bishura bati: «Nta we waririye utwiwe canke ngo umukandamize, eka nta n’ikintu c’umuntu wigeze wakira.» 5 Ababwira rero ati: «Yehova nambere icabona uyu musi, eka n’uwo yarobanuje amavuta ambere icabona, yuko ata kintu na kimwe munyagiriza*.» Na bo bishura bati: «Nabe icabona.»

6 Samweli aca ababwira ati: «Yehova nabe icabona, we yakoresheje Musa na Aroni agakura ba sogokuruza banyu mu gihugu ca Misiri+. 7 Ubu rero nimuhagarare aho, ndabacire urubanza imbere ya Yehova mfatiye ku vyiza* vyose Yehova yabakoreye mwe na ba sogokuruza banyu.

8 Yakobo yaragiye mu Misiri+. Mu nyuma ba sogokuruza banyu batangura gutabaza Yehova+, maze Yehova arungika Musa+ na Aroni kugira bakure ba sogokuruza banyu mu Misiri ngo baze kuba muri iki gihugu+. 9 Mugabo baribagiye Yehova Imana yabo maze arareka+ Sisera*+ umukuru w’ingabo za Hazori, n’Abafilisitiya+ n’umwami wa Mowabu+ barabatera. 10 Baraheza batabaza Yehova+ bati: “Twaracumuye+ kuko twahevye Yehova, dusenga* za Bayali+ n’ibishusho vya Ashitoreti+. Dukize abansi bacu, tuzoheza tugukorere.” 11 Nuko Yehova arungika Yerubayali+ na Bedani na Yefuta+ na Samweli+, abakiza abansi bose bari babakikuje kugira mwibereho mu mutekano+. 12 Mu nyuma Nahashi+ umwami w’Abamoni yaraje kubatera. Mubibonye mwagumye mumbwira ko ata kindi mushaka atari umwami+, kandi umwami wanyu ari Yehova Imana yanyu+. 13 Ng’uyu rero umwami mwashaka, umwe mwasaba. Uyu ni we mwami Yehova yagenye ngo abaganze+. 14 Nimwatinya Yehova+, mukamukorera+ kandi mukamugamburukira+, ntimugararize ivyo Yehova abategeka, mukayobokera Yehova Imana yanyu mwe n’umwami abaganza, bizobagendera neza. 15 Mugabo nimutagamburukira Yehova, mukagarariza ivyo Yehova abategeka, Yehova azobahana mwe na ba so+. 16 Ubu rero nimuhagarare murabe ikintu gikomeye Yehova agira akore imbere yanyu. 17 Ehe raba turi mu gihe c’iyimbura ry’ingano, ariko ngira nsabe Yehova atume haba imituragaro n’imvura. Muraheza mumenye mwongere mutahure yuko mwakoze ikintu Yehova abona ko ari kibi igihe mwisabira umwami+.»

18 Samweli aca yambaza Yehova, maze kuri uwo musi Yehova atuma haba imituragaro n’imvura. Abantu bose baca batinya cane Yehova na Samweli. 19 Nuko babwira Samweli bati: «Nudusengere kuri Yehova Imana yawe twebwe abasuku bawe+ kugira ntidupfe, kuko twongeye ikibi ku bicumuro vyacu vyose mu gusaba umwami.»

20 Samweli rero abwira abantu ati: «Ntimutinye. Ego ni ko mwarakoze ivyo bibi vyose, mugabo rero ntimureke gukurikira Yehova+. Mukorere Yehova n’umutima wanyu wose+. 21 Ntimumuhebe ngo mukurikire imana z’ikinyoma*+. Ntizishobora kubafasha+ canke kubatabara kubera yuko ata co zimaze*. 22 Yehova ntazobata mwebwe abantu biwe+ kubera izina ryiwe rihambaye+, kuko Yehova yiyemeje kubagira abiwe+. 23 Nayo jewe, sinokwubahuka kureka kubasengera kuko noba ncumuye kuri Yehova. Nzobandanya kubigisha inzira nziza kandi igororotse. 24 Gusa mutinye Yehova+ kandi mumukorere n’umutima wanyu wose mudahemuka*, kuko yabakoreye ibintu bikomeye+. 25 Mugabo nimwaguma mukora ikibi nkana, mwebwe n’umwami wanyu+ muzozimanganywa+.»

13 Sawuli yari afise imyaka . . .* igihe yaba umwami+. Amaze imyaka ibiri aganza Isirayeli, 2 atora abagabo 3.000 muri Isirayeli. Ibihumbi bibiri muri bo bagumana na Sawuli i Mikimashi no mu karere k’imisozi k’i Beteli, 1.000 na bo bagumana na Yonatani+ i Gibeya+ mu karere ka Benyamini. Abasigaye bose arabarungika, umwe wese asubira iwe. 3 Nuko Yonatani atera ikirindiro c’Abafilisitiya+ cari i Geba+ arabatsinda maze Abafilisitiya barabimenya. Sawuli aca ategeka ko havuzwa inzamba+ mu gihugu cose kugira Abaheburayo babimenye. 4 Abisirayeli bose bumva ko Sawuli yateye ikirindiro c’Abafilisitiya akabatsinda kandi ko Abafilisitiya basigaye banka urunuka Abisirayeli. Abantu baca baterwa akamo ngo bakurikire Sawuli i Gilugali+.

5 Abafilisitiya na bo bakoranira hamwe ngo barwane n’Abisirayeli. Bari bafise imikogote y’intambara 30.000 n’abagendera ku mafarasi 6.000 n’ingabo nyinshi nk’udutete tw’umusenyi wo ku nkengera y’ikiyaga+. Nuko baraduga bakambika i Mikimashi mu buseruko bw’i Beti-Aveni+. 6 Abagabo bo muri Isirayeli babona ko bageze habi, kuko bari basugerejwe cane. Nuko baja kwinyegeza mu masenga+, mu myobo, mu bitandara, mu bibanza vyo mu kuzimu no mu binogo babikamwo amazi. 7 Hari n’Abaheburayo bajabutse Yorodani, baja i Gileyadi no mu karere ka Gadi+. Mugabo Sawuli yari akiri i Gilugali. Abari kumwe na we bose bariko barajugumira kubera ubwoba. 8 Aguma arindiriye imisi indwi y’isango Samweli yamuhaye, mugabo Samweli ntiyaza i Gilugali. Abantu na bo bariko baramuta bakigira. 9 Amaherezo Sawuli avuga ati: «Nimunzanire igitungwa c’ikimazi giturirwa n’ibitungwa vy’ibimazi vyo gusangira.» Aca atanga ikimazi giturirwa+.

10 Mugabo akirangiza gushikana ico kimazi, Samweli aca arashika. Nuko Sawuli aja kumusanganira ngo amuramutse*. 11 Samweli aca amubwira ati: «Ivyo wakoze ni ibiki?» Sawuli na we yishura ati: «Nabonye abantu bariko baramperako+, nawe utarashika kuri rya sango wampa, Abafilisitiya na bo bariko bakoranira i Mikimashi+. 12 Naciye nibwira nti: “Noneho Abafilisitiya bahava baza kuntera i Gilugali ntarasaba Yehova umuhezagiro*.” Nca mbona rero ko ntegerezwa gushikana ikimazi giturirwa.»

13 Samweli aca abwira Sawuli ati: «Wakoze ivy’ubupfu. Ntiwagamburutse ibwirizwa Yehova Imana yawe yaguhaye+. Iyo ugamburuka, Yehova yokomeje ubwami bwawe muri Isirayeli, bukagumaho ibihe vyose. 14 Ubu rero ubwami bwawe ntibuzoramba+. Yehova azorondera umuntu ahimbara umutima wiwe+. Yehova azomugira indongozi y’abantu biwe+ kuko utagamburutse ivyo Yehova yagutegetse+.»

15 Maze Samweli ava i Gilugali aduga i Gibeya mu karere ka Benyamini, Sawuli na we aharura abantu. Abari bakiri kumwe na we bari abagabo nka 600+. 16 Sawuli n’umuhungu wiwe Yonatani n’abantu bari bakiri kumwe na bo, baguma i Geba+ mu karere ka Benyamini. Nayo Abafilisitiya bari bakambitse i Mikimashi+. 17 Imigwi itatu y’abasoda yarava mw’ikambi y’Abafilisitiya, ikaja gutera Abisirayeli. Umwe wafata inzira ija i Ofura yerekeza mu karere ka Shuwali. 18 Uwundi mugwi wafata inzira y’i Beti-Horoni+, uwa gatatu na wo ugafata inzira yerekeza ku rubibe rurabana n’umubande wa Zeboyimu, amaja mu bugaragwa.

19 Ico gihe nta mucuzi yaboneka mu gihugu cose ca Isirayeli, kuko Abafilisitiya batashaka ko Abaheburayo bacura inkota canke amacumu. 20 Abisirayeli bose babwirizwa kumanuka ku Bafilisitiya kugira ngo bakarihishe amasuka* yabo, amasipiri*, amashoka canke udukero. 21 Bariha ipimu* mu gukarisha amasuka, amasipiri, ibikoresho vy’amenyo atatu, amashoka no mu gusubirishamwo imihunda* y’inka kugira ngo ikomere. 22 Mu bari kumwe na Sawuli na Yonatani nta n’umwe yari afise inkota canke icumu yokoresha mu rugamba+. Sawuli n’umuhungu wiwe Yonatani ni bo bonyene bari bafise ibirwanisho.

23 Abafilisitiya bari bashinze ikirindiro aho abantu bajabukira imanga y’i Mikimashi+.

14 Umusi umwe Yonatani+ mwene Sawuli abwira umusuku yamutwaza ibirwanisho ati: «Ingo tujabuke tuje ku kirindiro c’Abafilisitiya kiri hakurya.» Mugabo ntiyabibwira se. 2 Sawuli yari akambitse hafi y’urubibe rwa Gibeya+, munsi y’igiti c’ikomamanga kiri i Miguroni. Yari kumwe n’abasoda nka 600+. 3 (Ico gihe umuherezi Ahiya yari yambaye efodi+. Yari mwene Ahitubu+, Ahitubu mwenewabo na Ikabodi+, Ikabodi mwene Finehasi+, Finehasi mwene Eli+, uwahoze ari umuherezi wa Yehova i Shilo+.) Ariko abasoda ntibari bazi ko Yonatani yagiye. 4 Hirya no hino y’aho Yonatani yagomba guca ngo ashike ku kirindiro c’Abafilisitiya, hari ibitandara bifise ishusho y’iryinyo. Kimwe citwa Bozezi, ikindi kikitwa Sene. 5 Kimwe muri ivyo bitandara cari gihagaze nk’inkingi mu buraruko, aharabana n’i Mikimashi. Ikindi na co cari mu bumanuko, aharabana n’i Geba+.

6 Yonatani aca abwira uwamutwaza ibirwanisho ati: «Ingo tujabuke tuje ku kirindiro c’abo bagabo batagenyerewe*+. Hari aho Yehova yodufasha, kuko ata cobuza Yehova gukiza akoresheje benshi canke bakeyi+.» 7 Uwamutwaza ibirwanisho amwishura ati: «Kora ico umutima wawe ukubwiye, uje iyo ushaka. Aho hose umutima wawe ukubwira kuja, ndagukurikira.» 8 Maze Yonatani avuga ati: «Tujabuke tuje iyo abo bagabo bari, duheze tubiyereke. 9 Nibatubwira bati: “Nimuhagarare aho turaje”, duce duhagarara ntituje iyo bari. 10 Mugabo nibavuga bati: “Nimuduge ino”, duce tuduga kuko kizoba ari ikimenyetso c’uko Yehova aza kudufasha kubatsinda+.»

11 Nuko biyereka ikirindiro c’Abafilisitiya. Abafilisitiya baca bavuga bati: «Ehe ba Baheburayo batanguye gusokoroka mu myobo bari banyegeyemwo+.» 12 Abasoda bari kuri nya kirindiro babwira Yonatani n’uwumutwaza ibirwanisho bati: «Nimba muri abagabo nimuduge ino tubereke+!» Yonatani aca abwira uwumutwaza ibirwanisho ati: «Nkurikira kuko Yehova agire ahe intsinzi Abisirayeli+.» 13 Nuko Yonatani atangura kuduga yavura, uwumutwaza ibirwanisho ari inyuma yiwe. Maze atera Abafilisitiya, uwumutwaza ibirwanisho na we akagenda arabahohosha. 14 Muri ico gitero ca mbere Yonatani n’uwumutwaza ibirwanisho bagize, bishe abasoda nka 20, babicira ahagomba kureha n’igice c’ihegitari*.

15 Nuko abari mw’ikambi n’abari ku kirindiro bose bicwa n’ubwoba, mbere na ya migwi y’abasoda yaja kugaba ibitero+ itekerwa n’ubwoba. Isi itangura kunyiganyiga, Imana ituma Abafilisitiya bagira ubwoba bwinshi. 16 Inderetsi za Sawuli zari i Gibeya+ mu karere ka Benyamini zibona ko mw’ikambi y’Abafilisitiya huzuye uruhagarara+.

17 Nuko Sawuli abwira abari kumwe na we ati: «Ndabasavye muharure murabe uwoba adahari.» Baharuye basanga Yonatani n’uwumutwaza ibirwanisho si ho bari. 18 Sawuli aca abwira Ahiya+ ati: «Igiza hafi isandugu y’Imana y’ukuri.» (Ico gihe*, isandugu y’Imana y’ukuri yarajana n’Abisirayeli.) 19 Sawuli akiriko aravugana n’uwo muherezi, uruhagarara rurushiriza kwongerekana mw’ikambi y’Abafilisitiya. Maze Sawuli abwira nya muherezi ngo: «Hagarika ivyo uriko urakora*.» 20 Sawuli n’abari kumwe na we bose barakorana baja ku rugamba. Basanga Abafilisitiya bariko baricana hagati yabo, hari umuvurungano mwinshi. 21 Abafilisitiya bari baduganye mw’ikambi n’Abaheburayo babiyunzeko. Abo Baheburayo rero batangura kuja ku ruhande rw’Abisirayeli bari bahagarikiwe na Sawuli na Yonatani. 22 Abagabo bose bo muri Isirayeli bari binyegeje+ mu karere k’imisozi ka Efurayimu bumvise ko Abafilisitiya bahunze, na bo nyene baca babirukako ngo babarwanye. 23 Yehova akiza Isirayeli kuri uwo musi+. Urugamba rurabandanya gushika n’i Beti-Aveni, ruraharenga+.

24 Mugabo Abisirayeli bari bamerewe nabi kuri uwo musi kubera ko Sawuli yari yabarahije ati: «Aravumwe umuntu aza kugira ico arya* butaragoroba, ntaraheza kwihora abansi banje!» Nuko ntihagira umusoda n’umwe agira ico atamiye+.

25 Maze abasoda bose* binjira mw’ishamba, kandi hasi hari ubuki. 26 Bashitseyo, babona ubuki buriko bujojotera hasi, mugabo ntihagira n’umwe yubahuka kubukoza ku munwa kubera ko batinya ya ndahiro. 27 Mugabo Yonatani ntiyari yumvise indahiro se yari yarahije abasoda+. Afata rero inkoni yari afise ayikoza mu kimamara c’ubuki ararya, utuguvu duca turagaruka*. 28 Umwe mu basoda aca amubwira ati: «So yarahije abasoda ashimitse ati: “Aravumwe umuntu aza kugira ico arya uyu musi+!” Ni co gituma abasoda barushe cane.» 29 Ariko Yonatani avuga ati: «Dawe yagiriye nabi cane abantu*. Raba ukuntu naciye ngarura utuguvu ndiye ubuki bukeyi gusa. 30 Hari akantu iyo uno musi abasoda baza kurya uko bashaka+ ku vyo basahuye abansi babo! Twari kwica Abafilisitiya benshi cane.»

31 Kuri uwo musi, ingabo za Sawuli zibandanya kwica Abafilisitiya kuva i Mikimashi gushika i Ayaloni+. Zirateba ziraruha cane. 32 Nuko abo Bisirayeli bagurukira ku vyo basahuye n’umunoho mwinshi, bafata intama n’inka n’inyana bazitsinda hasi barazikerera, batangura kuziryana n’amaraso+. 33 Maze bamenyesha Sawuli yuko abasoda bariko bacumura kuri Yehova mu kurya inyama zirimwo amaraso+. Aca avuga ati: «Mwahemutse. Nyarutsa mutembagaze ibuye rinini, murinzanire.» 34 Nuko Sawuli avuga ati: «Nimukwiragire mu basoda mubabwire muti: “Umwe wese nazane ng’aha impfizi yiwe canke intama yiwe, abikerere aheze abifungure. Ntimucumure kuri Yehova mu kurya inyama zirimwo amaraso+.”» Muri iryo joro rero, umwe wese azana impfizi yiwe ng’aho, arayikerera. 35 Sawuli aca yubakira Yehova igicaniro+. Ni co gicaniro ca mbere yubakiye Yehova.

36 Mu nyuma Sawuli avuga ati: «Tumanuke dutere Abafilisitiya muri iri joro, maze tubasahure gushika bukeye. Nta n’umwe muri bo dusigaza.» Abasoda bamwishura bati: «Kora ico ubona ko kibereye.» Ariko umuherezi avuga ati: «Reka tubarize Imana y’ukuri ng’aha+.» 37 Sawuli abaza rero Imana ati: «Manuke gutera Abafilisitiya+? Woba uza gufasha Abisirayeli kubatsinda?» Ariko kuri uwo musi Imana ntiyamwishura. 38 Sawuli aca avuga ati: «Mwese abakuru b’Abisirayeli, nimuze hano. Nimutohoze kugira tumenye igicumuro cakozwe uyu musi. 39 Ndabarahiye Yehova Imana nzima, we yatabaye Isirayeli: naho twosanga ari umuhungu wanje Yonatani, arapfa ata kabuza.» Mugabo ntihagira n’umwe amwishura. 40 Abwira rero Abisirayeli bose ati: «Nimuje ku ruhande rumwe, nanje n’umuhungu wanje Yonatani tuje ku rundi.» Baca bamwishura bati: «Kora ico ubona ko kibereye.»

41 Sawuli aca abwira Yehova ati: «Ewe Mana ya Isirayeli, nutwishure biciye kuri Tumimu*+!» Maze Yonatani na Sawuli barafatwa, abandi na bo barera. 42 Nuko Sawuli avuga ati: «Nimugire ubupfindo+, tumenye ko ari jewe canke umuhungu wanje Yonatani.» Yonatani aca arafatwa. 43 Maze Sawuli abwira Yonatani ati: «Mbwira, wakoze iki?» Yonatani amwishura ati: «Nakojeje inkoni yanje mu buki, ndya dukeyi gusa+. None rero, ndemeye gupfa.»

44 Sawuli aca avuga ati: «Imana izobimpanire bimwe bikomeye nutapfa Yonatani+.» 45 Mugabo abasoda babwira Sawuli bati: «Yonatani yopfa gute kandi ari we yatumye Isirayeli ironka intsinzi* ikomeye+? Ntibishoboka! Turahiye Yehova Imana nzima yuko ata wumurya urwara*, kuko yakoranye n’Imana uyu musi+.» Gutyo abantu bakiza* Yonatani, ntiyapfa.

46 Sawuli aca arareka gukurikira Abafilisitiya. Abafilisitiya na bo basubira mu karere kabo.

47 Nuko Sawuli akomeza ubutegetsi bwiwe muri Isirayeli yongera arwanya abansi biwe bose bari bamukikuje: uri Abanyamowabu+, Abamoni+, Abanyedomu+, abami b’i Zoba+ hamwe n’Abafilisitiya+. Aho yaja hose yarabatsinda. 48 Yari intwari ku rugamba. Yaratsinze Abamaleki+ yongera akiza Abisirayeli abaza kubasahura.

49 Abahungu ba Sawuli bari Yonatani, Ishivi na Malikishuwa+. Yari afise n’abakobwa babiri. Mukuru yitwa Merabu+, mutoyi akitwa Mikali+. 50 Muka Sawuli yitwa Ahinowamu, yari umukobwa wa Ahimasi. Umukuru w’ingabo ziwe yitwa Abuneri+. Yari mwene Neri, sewabo wa Sawuli. 51 Kishi+ yari se wa Sawuli, Neri+ se wa Abuneri na we yari mwene Abiyeli.

52 Mu kiringo cose Sawuli yamaze atwara, hama intambara zikomeye hagati yiwe n’Abafilisitiya+. Sawuli abonye umugabo akomeye canke arinda yaca amushira mu ngabo+.

15 Maze Samweli abwira Sawuli ati: «Ni jewe Yehova yatumye kukurobanuza amavuta* ngo ube umwami aganza abantu biwe b’Abisirayeli+. Umviriza rero ivyo Yehova agira akubwire+. 2 Ibi ni vyo Yehova Nyeningabo avuze: “Ngira nihore Abamaleki ku vyo bagiriye Abisirayeli, kuko babateye igihe bava mu Misiri+. 3 Genda rero wice Abamaleki+, ubatikizanye+ n’ivyo bafise vyose. Ntihagire n’umwe usigaza*. Wice abagabo n’abagore, abana n’inzoya, inka n’intama, ingamiya n’indogobwa+.”» 4 Sawuli aca akoranya ingabo, aziharurira i Telayimu: hari abasoda 10.000 bo mu muryango wa Yuda, n’abasoda 200.000 bo mu yindi miryango ya Isirayeli+.

5 Nuko Sawuli n’ingabo ziwe baragenda, bashika hafi y’igisagara c’Abamaleki, binyegeza hafi y’umubande*. 6 Maze Sawuli abwira Abakeni+ ati: «Nimugende muve mu Bamaleki kugira sindabahonereze hamwe na bo+. Mwebwe mwaragiriye neza Abisirayeli*+ igihe bava mu Misiri.» Abakeni baca baritandukanya n’Abamaleki. 7 Inyuma y’ivyo, Sawuli yica Abamaleki+ kuva i Havila+ gushika i Shura+, hafi ya Misiri. 8 Afata Agagi+ umwami w’Abamaleki ari muzima, abandi bose abicisha inkota+. 9 Mugabo Sawuli n’ingabo ziwe ntibica* Agagi n’ibitungwa vyizavyiza: uri intama, inka n’ibindi bitungwa binuze+. Ntibatikiza n’ibintu vyiza vyose vyariyo. Ibintu vyose ata co bimaze canke batashaka ni vyo gusa batikije.

10 Maze Yehova abwira Samweli ati: 11 «Ndicujije* kubona Sawuli naramugize umwami, kuko yanteye akagere akanka gukora ivyo namutegetse+.» Ivyo bibabaza cane Samweli, amara ijoro ryose aririra Yehova+. 12 Samweli avyuka kare mu gitondo kugira aje kubonana na Sawuli. Mugabo bamumenyesha ko Sawuli yagiye i Karumeli+, akahashinga icibutso ciwe+ agaca amanuka i Gilugali. 13 Igihe amaherezo Samweli yabonana na Sawuli, Sawuli amubwira ati: «Yehova aguhezagire. Narakoze ivyo Yehova yantegetse.» 14 Mugabo Samweli avuga ati: «None urwo rwamo rw’intama n’inka numva rusobanura iki+?» 15 Sawuli yishura ati: «Ni ivyo bakuye mu Bamaleki. Abasoda baranse kwica* intama nzizanziza n’inka nzizanziza kugira babishikanire Yehova Imana yawe. Mugabo ibisigaye vyose twarabitikije.» 16 Samweli aca abwira Sawuli ati: «Geza aho! Reka ndakubwire ivyo Yehova yaraye ambwiye iri joro+.» Sawuli na we ati: «Mbwira.»

17 Samweli yongerako ati: «Igihe Yehova yakurobanuza amavuta ngo ube umwami wa Isirayeli+, ukaba indongozi* y’imiryango ya Isirayeli, wabona ko uri umuntu ata co amaze+. 18 Mu nyuma Yehova yagushinze igikorwa, akubwira ati: “Genda utikize Abamaleki+, ba bacumuzi. Ubarwanye gushika ubahoneje+.” 19 Kubera iki none utagamburukiye Yehova? Kubera iki waciye uja mu vyo gusahura n’umunoho mwinshi+, ugakora ivyo Yehova adashaka?»

20 Ariko Sawuli abwira Samweli ati: «Mugabo naragamburukiye Yehova. Naragiye gukora igikorwa Yehova yantumye. Narazanye Agagi umwami w’Abamaleki, ariko Abamaleki bo narabatikije+. 21 Gusa mu bintu vyabwirizwa gutikizwa, abantu baciye basahuramwo intama n’inka nzizanziza kugira babishikanire Yehova Imana yawe i Gilugali+.»

22 Samweli aca amwishura ati: «Mbega wibaza ko ari igiki gihimbara Yehova cane? Ni amashikanwa aturirwa be n’ibimazi+ canke ni ukugamburukira Yehova? Erega kugamburuka biruta gutanga ikimazi+, kwumvira* bikaruta gutanga ibinure+ vy’impfizi z’intama. 23 Kugarariza+ ni cokimwe no gukora igicumuro co kuragura+. Kwita imbere na vyo ni cokimwe no gukoresha amageza no gusenga ibigirwamana*. Ko wanse kwumvira ivyo Yehova yagutegetse+, na we arakwanse ntagishaka ko uba umwami+.»

24 Maze Sawuli abwira Samweli ati: «Naracumuye, kuko nahonyanze itegeko rya Yehova n’ivyo wambwiye. Naratinye abantu nkora ivyo bavuze. 25 Ndagusavye rero umbabarire kubera igicumuro nakoze, usubire inyuma tujane nje kwunamira Yehova+.» 26 Mugabo Samweli abwira Sawuli ati: «Sinsubira inyuma ngo njane nawe, kuko wanse kwumvira ivyo Yehova yagutegetse. Yehova na we yarakwanse ntagishaka ko uba umwami wa Isirayeli+.» 27 Samweli ahindukiye ngo agende, Sawuli aca acakira umutwe w’impuzu yiwe itagira amaboko, ica iramwiyaka*. 28 Samweli aca amubwira ati: «Uyu musi Yehova akwatse ubwami bwa Isirayeli, kandi azobuha uwundi muntu ameze neza kukurusha+. 29 Kandi Imana Rudasumbwa ya Isirayeli+ ntizobesha+ canke ngo yihindukize mw’ijambo*, kuko atari umuntu ngo yihindukize mw’ijambo*+.»

30 Na we avuga ati: «Naracumuye. Mugabo ndagusavye untere iteka imbere y’abashingantahe bacu n’imbere y’abandi Bisirayeli. Ingo dusubirane inyuma, mpeze nunamire Yehova Imana yawe+.» 31 Nuko Samweli asubira inyuma ajana na Sawuli, maze Sawuli yunamira Yehova. 32 Samweli aca avuga ati: «Nimunzanire hano Agagi umwami w’Abamaleki.» Maze Agagi aja iyo Samweli ari adashaka*, kuko Agagi yari yagumye yibwira ati: «Ni ukuri singipfuye*.» 33 Ariko Samweli amubwira ati: «Kurya nyene inkota yawe yahekuye abagore, ni ko na nyoko wawe agiye guhekurwa bimwe bikomeye.» Samweli aca atemaguza inkota Agagi imbere ya Yehova i Gilugali+.

34 Samweli aca aja i Rama, Sawuli na we asubira iwe i Gibeya. 35 Samweli yarinze apfa adasubiye kubona Sawuli, kuko yari ababajwe cane na Sawuli+. Yehova na we aricuza kubona yaratoye Sawuli ngo abe umwami wa Isirayeli+.

16 Amaherezo Yehova abwira Samweli ati: «Uzoguma ubabajwe na Sawuli gushika ryari+ kandi jewe naramwanse ngo ntabandanye kuganza Isirayeli+? Niwuzuze ihembe ryawe amavuta+ hanyuma ugende. Ngira ngutume kuri Yese+ Umunyabetelehemu, kuko hari uwo natoye mu bahungu biwe ngo abe umwami+.» 2 Mugabo Samweli avuga ati: «Nojayo gute? Sawuli abimenye yoca anyica+.» Yehova amwishura ati: «Genda witwaje inyana. Uze uvuge uti: “Nzanywe no gushikanira ikimazi Yehova.” 3 Uze utumire Yese kuri nya kimazi. Nzoheza ndakumenyeshe ico ukwiye gukora. Uze undobanurize amavuta* uwo nzokwereka+.»

4 Samweli akora ivyo Yehova yamubariye. Ashitse i Betelehemu+, abashingantahe b’ico gisagara bakamubona, baca batangura kujugumira. Bamubaza bati: «Ugenzwa n’amahoro?» 5 Aca abishura ati: «Ni amahoro. Nzanywe no gushikanira Yehova ikimazi. Nimwihumanure* hanyuma tujane kuri nya kimazi.» Araheza ahumanura Yese n’abahungu biwe, maze abatumira kuri ico kimazi. 6 Bahashitse maze Samweli akabona Eliyabu+, aca yibwira ati: «Emwe, uwo Yehova agira arobanuze amavuta ni uyu ahagaze imbere yiwe.» 7 Mugabo Yehova abwira Samweli ati: «Nturabe uko asa canke uko areha+ kubera ko ntamushimye. Kuko Imana itaraba nk’uko abantu baraba. Abantu baraba ibiboneka inyuma, mugabo Yehova we araba mu mutima+.» 8 Maze Yese ahamagara Abinadabu+ amwereka Samweli, mugabo Samweli avuga ati: «N’uyu Yehova ntiyamutoye.» 9 Ubukurikira Yese amwereka Shama+, mugabo Samweli avuga ati: «N’uyu nyene Yehova ntiyamutoye.» 10 Yese yereka Samweli abahungu biwe indwi, mugabo Samweli amubwira ati: «Nta n’umwe muri bo Yehova yatoye.»

11 Amaherezo Samweli abwira Yese ati: «Aba ni bo bahungu bawe bose?» Na we avuga ati: «Umuhererezi+ ni we utarabona. Ari kuragira intama+.» Samweli aca abwira Yese ati: «Nibaje kumuhamagara, kuko tuza gufungura ari uko aje.» 12 Nuko atuma uwuja guhamagara Dawidi, baca bamuzanira Samweli. Yari umusore mwiza, w’inzobe, afise amaso meza+. Maze Yehova avuga ati: «Haguruka umurobanuze amavuta, kuko ari we nahisemwo+.» 13 Samweli aca atora rya hembe ry’amavuta+, arayamurobanuza imbere ya benewabo. Kuva uwo musi, impwemu ya Yehova itangura guha inkomezi Dawidi+. Mu nyuma Samweli arahaguruka asubira i Rama+.

14 Impwemu ya Yehova imaze kuva kuri Sawuli+, Yehova yarareka ivyiyumviro bibi vyo mu mutima wiwe bikamutera ubwoba*+. 15 Abasuku ba Sawuli bamubwira bati: «Urabona ko Imana ireka ivyiyumviro bibi bikagutera ubwoba. 16 Turagusavye rero mwami, utubwire twebwe abasuku bawe, tuje kukuronderera umuntu w’umuhinga mu kuvuza inanga+. Igihe cose Imana iretse ivyiyumviro bibi bikakuzamwo, azoca ayikuvugiriza wumve umerewe neza.» 17 Sawuli rero abwira abasuku biwe ati: «Ego nimundonderere umuntu acuraranga neza, muheze mumunzanire.»

18 Umwe muri nya basuku avuga ati: «Ndamaze kubona ingene umuhungu wa Yese Umunyabetelehemu avuza neza inanga. Ni umurwanyi w’intwari kandi arinda+. Avuga neza, ni mwiza+ kandi Yehova ari kumwe na we+.» 19 Sawuli aca arungika intumwa kwa Yese ngo zimubwire ziti: «Ndungikira uwo muhungu wawe Dawidi, umwe w’umwungere+.» 20 Nuko Yese atora indogobwa ayishirako imikate, umukuza w’urushato urimwo umuvinyu n’umwagazi w’impene, abirungikana Dawidi ngo abishire Sawuli. 21 Maze Dawidi aja kwa Sawuli, atangura kumukorera+. Sawuli aramukunda cane, araheza amugira uwumutwaza ibirwanisho. 22 Sawuli atuma rero intumwa kwa Yese ati: «Nyemerera Dawidi agume ankorera, kuko namushimye.» 23 Igihe cose Imana yaba iretse ivyiyumviro bibi bikaza mu mutima wa Sawuli, Dawidi yaca amuvugiriza inanga. Ivyo vyatuma Sawuli aturura, akumva amerewe neza, vya vyiyumviro bibi bikamuvamwo+.

17 Maze Abafilisitiya+ bakoranya ingabo* zabo ngo baje ku rugamba. Bakoranira ahitwa Soko+ mu Buyuda. Baraheza bakambika i Efesi-Damimu+ hagati y’igisagara ca Soko n’ica Azeka+. 2 Nayo Sawuli n’ingabo za Isirayeli bakoranira hamwe, maze bakambika mu kiyaya ca Ela+. Batonda urugamba kugira ngo batane mu mitwe n’Abafilisitiya. 3 Abafilisitiya bari ku musozi umwe, Abisirayeli na bo ku wundi, hagati yabo hari umubande.

4 Nuko haza umurwanyi umwe w’igihangange avuye mu Bafilisitiya. Yitwa Goliyati+, akaba yava i Gati+. Yareha n’imetero hafi zitatu*. 5 Yari yambaye inkofero ikozwe mu mujumpu n’ikoti y’ivyuma bimeze nk’ibigaragamba. Iyo koti y’ivyuma+ vy’umujumpu yapima shekeli 5.000*. 6 Yari yambaye ivyuma bikingira imirundi bikozwe mu mujumpu, ku mugongo na ho ahetse agacumu+ k’umujumpu. 7 Uruti rw’icumu ryiwe rwangana n’igiti abajisha impuzu bazingirako inyuzi+, icuma caryo na co kigapima shekeli 600*. Uwamutwaza inkinzo yagendera imbere yiwe. 8 Goliyati arahagarara maze atangura guhamagara Abisirayeli batonze urugamba+. Ababwira ati: «Kubera iki mwaje gutonda urugamba? Jewe ndi Umufilisitiya, namwe mukaba abasuku ba Sawuli. Nimutore rero uwobaserukira aze turwane. 9 Niyashobora kundwanya akanyica, duca tuba abasuku banyu. Mugabo ninamunesha nkamwica, muca muba abasuku bacu, mudukorere.» 10 Uwo Mufilisitiya yongerako ati: «Uyu musi nsomborokeje* ingabo z’Abisirayeli+. Nimumpe umugabo turwana, bihere biheze!»

11 Sawuli n’Abisirayeli bose bumvise amajambo y’uwo Mufilisitiya, umutima uca ubavamwo, bicwa n’ubwoba.

12 Dawidi yari umuhungu wa Yese, umugabo yaba i Efurata+, ni ukuvuga i Betelehemu+ mu Buyuda. Yese+ yari afise abahungu umunani+ kandi ku ntwaro ya Sawuli yari amaze gusaza. 13 Abahungu biwe batatu bakuru bari baragiye mu ngabo za Sawuli+. Imfura yitwa Eliyabu+, uwa kabiri akitwa Abinadabu+, uwa gatatu na we Shama+. 14 Dawidi yari umuhererezi+. Abo batatu bakuru bari mu ngabo za Sawuli.

15 Dawidi yaza arava kwa Sawuli agakubitira i Betelehemu kuragira intama+ za se. 16 Wa Mufilisitiya yama aza mu gitondo no ku mugoroba, agahagarara imbere y’Abisirayeli kugira abasomborotse. Ivyo yabigize mu kiringo c’imisi 40.

17 Maze Yese abwira umuhungu wiwe Dawidi ati: «Tora izi ntete* zikaranze kibondo, n’iyi mikate cumi, unyaruke ubishire benewanyu kw’ikambi. 18 Izi foromaji cumi* na zo uzihe intwazangabo* yabo. Urabe uko benewanyu bamerewe, uheze unzanire amakuru yabo.» 19 Abo benewabo bari kumwe na Sawuli n’abandi basoda ba Isirayeli mu kiyaya ca Ela+, bahanganye n’Abafilisitiya+.

20 Nuko Dawidi avyuka kare mu gitondo, araba uwo asigarana intama maze atekera ivyo ajana. Araheza aragenda nk’uko se wiwe Yese yari yabimubwiye. Ageze kw’ikambi asanga abasoda bariko baraja gutonda urugamba, biha akaruru k’intambara. 21 Abisirayeli rero bahagarara ng’aha, Abafilisitiya na bo hariya, barahangana. 22 Dawidi aca asigira umuzigo wiwe uwacunga imizigo, maze yiruka iyo batonze urugamba. Ashitseyo, atangura kubaza amakuru ya benewabo+.

23 Akiriko arabaza, wa murwanyi w’igihangange aca arashika, ni ukuvuga wa Mufilisitiya w’i Gati yitwa Goliyati+. Yari aje ava mu ngabo z’Abafilisitiya zitonze urugamba. Atangura kuvuga ya majambo y’agasomborotso+, Dawidi aravyumva. 24 Abisirayeli bose bamukubise ijisho, baca bigirwa inyuma kubera ubwoba bwinshi+. 25 Bavuga bati: «Mwabonye urya mugabo? Azanywe no gusomborotsa* Abisirayeli+. Uwuzomwica, umwami azomuha itunga ryinshi, amuhe n’umukobwa wiwe+. Kandi mu vyo Abisirayeli basabwa n’umwami nta na kimwe urugo rwa se ruzosabwa.»

26 Dawidi atangura kubaza abasoda bari bahagaze hafi yiwe ati: «Uwuzokwica urya Mufilisitiya, agakura akagaye ku Bisirayeli, bazomushimira gute? Uwo Mufilisitiya atagenyerewe* abaye nde aho asomborotsa* ingabo z’Imana nzima+?» 27 Maze bamubwira vya bindi umwami yavuze ko azokorera uwuzomwica. 28 Mukuruwe Eliyabu+, ari na we yari imfura, yumvise ariko avugana n’abo basoda, aca aramushavurira amubwira ati: «Waje gukora iki hano? Mbega za ntama nkeyi wazisigaranye nde muri bwa bugaragwa*+? Ndazi neza ukwita imbere kwawe n’ivyiyumviro bibi vyo mu mutima wawe. Aha nta kindi cakuzanye atari ukuraba urugamba.» 29 Dawidi aca amwishura ati: «None ngize iki? Jewe nariko ndibariza gusa.» 30 Aca aramubisa, aja kubaza uwundi muntu ca kibazo nyene+. Bamwishura kwa kundi nyene+.

31 Abantu bumva ivyo Dawidi yavuze maze babibwira Sawuli, aca amutumako. 32 Dawidi abwira Sawuli ati: «Ntihagire n’umwe aranduka umutima* kubera urya Mufilisitiya. Jewe umusuku wawe ndagenda kurwana na we+.» 33 Mugabo Sawuli abwira Dawidi ati: «Uracari muto+, ntushobora kuja kurwana n’urya Mufilisitiya. We yabaye umusoda* kuva akiri muto.» 34 Dawidi aca abwira Sawuli ati: «Mwami, ndi umwungere w’intama za data. Umusi umwe intambwe+ yaraje itwara intama. Ikindi gihe haza idubu na yo nyene itwara intama. 35 Naciye ndabikurikira ndabikubita, nkura nya ntama mu kanwa kavyo. Bigize ngo birampindukirira, naciye ndabicakira ivyoya* ndavyica. 36 Jewe umusuku wawe narishe iyo ntambwe n’iyo dubu. N’uyo Mufilisitiya atagenyerewe ni ko nza kumugira, kuko yasomborokeje* ingabo z’Imana nzima+.» 37 Dawidi aca yongerako ati: «Yehova, we yankuye mu vyara vy’intambwe n’ivy’idubu, ni we aza kunkiza uwo Mufilisitiya+.» Sawuli aca abwira Dawidi ati: «Genda. Yehova abane nawe.»

38 Nuko Sawuli yambika Dawidi umwambaro yambara ku rugamba, amwambika n’inkofero y’umujumpu be n’ikoti y’ivyuma. 39 Maze Dawidi akenyera inkota yiwe hejuru y’umwambaro yambaye, aca agerageza gutambuka mugabo biranka, kuko atari amenyereye kuvyambara. Ni kwo kubwira Sawuli ati: «Ntibikunda ko ntambuka nambaye ibi bintu, kuko ata vyo menyereye.» Aca arabikura. 40 Maze afata inkoni yiwe, atora n’amabuye atanu asenye ayakuye mu mugezi*, ayashira mw’isaho yiwe y’abungere. Yari afise n’umugozi bateresha amabuye+. Atangura kwegera iyo wa Mufilisitiya ari.

41 Wa Mufilisitiya na we aguma aza yegera Dawidi, imbere yiwe hari wa mugabo amutwaza inkinzo. 42 Uwo Mufilisitiya abonye Dawidi, amurabana akagaye kubera yari umusore akiri muto, mwiza kandi w’inzobe+. 43 Abwira rero Dawidi ati: «Mbaye imbwa+, aho uza kundwanya witwaje inkoni?» Aca avuma Dawidi mu mazina y’imana ziwe. 44 Abandanya kubwira Dawidi ati: «Wewe gusa nuze ndakwereke. Ngira ndakwice, nce ndaguha inyoni n’ibikoko vyo mw’ishamba bikurye.»

45 Dawidi na we yishura uwo Mufilisitiya ati: «Uje kundwanya witwaje inkota n’amacumu+, mugabo jewe nje kukurwanya nserukiye Yehova* Nyeningabo+, Imana y’Abisirayeli batonze urugamba, Imana wasomborokeje*+. 46 Uyu musi nyene Yehova arakumpa+ ndakwice, nce ndaguca umutwe. Kandi uyu musi imivyimba y’abasoda b’Abafilisitiya ndayiha inyoni n’ibikoko vyo mw’ishamba. Ababa kw’isi yose baraza kumenya yuko hariho Imana muri Isirayeli+. 47 Abari ng’aha bose* baramenya ko Yehova adakiza biciye ku nkota canke icumu+, kuko urugamba ari urwa Yehova+. Aradufasha kubatsinda mwese+.»

48 Nya Mufilisitiya arushiriza kwegereza kugira atane mu mitwe na Dawidi. Dawidi na we atangura kwiruka cane agana aho Abafilisitiya batonze urugamba kugira atane mu mitwe n’uwo Mufilisitiya. 49 Dawidi aca atora ibuye muri ya saho yiwe, ariteresha umugozi, amugema mu ruhanga. Iryo buye ryinjira mu ruhanga rwa nya Mufilisitiya, aca agwa yubamye+. 50 Gutyo Dawidi atsinda uwo Mufilisitiya akoresheje umugozi n’ibuye gusa, aramwica kandi ata nkota yari afise+. 51 Dawidi abandanya kwiruka, maze ahagarara hejuru y’uwo Mufilisitiya. Aca akura inkota y’uwo Mufilisitiya+ mu rwubati*, amuca umutwe kugira ahere amazinda ko yapfuye. Abafilisitiya babonye ko igihangange cabo gipfuye, baca barahunga+.

52 Abagabo bo muri Isirayeli no mu Buyuda baca bavira hasi rimwe bakoma akaruru, maze bakurikira Abafilisitiya kuva mu mubande+ gushika ku marembo y’igisagara ca Ekuroni+. Bagenda barabica kuva i Sharayimu+ gushika i Gati n’i Ekuroni. Ku nzira hari huzuye ibiziga. 53 Abisirayeli bavuye gukinagiza Abafilisitiya, baca baja gusahura amakambi yabo.

54 Nuko Dawidi afata umutwe wa wa Mufilisitiya, awujana i Yeruzalemu. Mugabo ibirwanisho vy’uwo Mufilisitiya abishira mw’ihema ryiwe+.

55 Igihe Sawuli yabona Dawidi agiye kurwana na wa Mufilisitiya, yabajije Abuneri+ umukuru w’ingabo ati: «Urya muhungu ni uwo kwa nde+ ga Abuneri?» Abuneri amwishura ati: «Ndarahiye imbere yawe mwami*, nta vyo nzi.» 56 Umwami avuga ati: «Baririkiza umenye se w’uwo muhungu.» 57 Dawidi akimara kugaruka avuye kwica wa Mufilisitiya, Abuneri aca amujana kwa Sawuli. Dawidi yari afise umutwe wa nya Mufilisitiya+ mu minwe. 58 Sawuli amubwira rero ati: «Harya so ni nde ga mwana?» Dawidi na we yishura ati: «Ndi mwene Yese+, umusuku wawe w’i Betelehemu+.»

18 Dawidi akirangiza kuvugana na Sawuli, Yonatani+ atangura kumukunda nk’uko yikunda, baba abagenzi somambike*+. 2 Kuva uwo musi Sawuli agumya Dawidi ngo abandanye amukorera, ntiyamwemerera gusubira kwa se+. 3 Yonatani rero agiranira isezerano na Dawidi+, kuko yamukunda nk’uko yikunda+. 4 Yambura impuzu yiwe itagira amaboko ayiha Dawidi, amuha n’umwambaro wiwe wa gisirikare n’inkota yiwe n’umuheto wiwe n’umukaba wiwe. 5 Dawidi atangura kuza araja ku rugamba. Aho Sawuli yamutuma hose vyamugendera neza*+. Sawuli aca amugira intwazangabo+ kandi ivyo bihimbara abantu bose n’abasuku ba Sawuli.

6 Igihe Dawidi n’abandi basoda baba bavuye kurwana n’Abafilisitiya bakabatsinda, abagore barava mu bisagara vyose vyo muri Isirayeli bakaza gusanganira umwami Sawuli. Baza bararirimba+, batamba, bavuza utugoma+ n’ibicurarangisho vy’imirya itatu, baryohewe. 7 Abo bagore barigina intsinzi bakaririmba bati:

«Sawuli yishe abansi ibihumbi,

Dawidi na we ibihumbi mirongo+.»

8 Sawuli yumvise iyo ndirimbo imugwa nabi, arashavura cane+. Yibwira ati: «Bavuze ngo Dawidi yishe ibihumbi mirongo, nanje ngo ibihumbi gusa. Hasigaye ko bamuha ubwami+!» 9 Kuva uwo musi, Sawuli atangura kuza arikeka Dawidi.

10 Ku musi ukurikira, Imana irareka ivyiyumviro bibi biza mu mutima wa Sawuli+, atangura kwifata ukuntu* ari mu nzu. Dawidi yariko avuza inanga+ nk’uko yama, Sawuli na we afashe icumu mu kuboko+. 11 Aca ararimutera+ yibwira ati: «Ngira ntobekeranye Dawidi n’uruhome!» Mugabo Dawidi aramuhunga, incuro zibiri. 12 Sawuli atangura gutinya Dawidi kuko Yehova yari kumwe na we+, mugabo akaba yari yahevye Sawuli+. 13 Nuko Sawuli agira Dawidi umukuru w’abasoda 1.000 kugira ntamugume iruhande. Dawidi yama ayobora ingabo ku rugamba*+. 14 Ivyo Dawidi yakora vyose vyagenda neza*+, kandi Yehova yari kumwe na we+. 15 Sawuli abonye yuko ivyo Dawidi akora vyama bigenda neza, arushiriza kumutinya. 16 Mugabo abo muri Isirayeli n’abo mu Buyuda, bose barakunda Dawidi kuko yabayobora ku rugamba.

17 Mu nyuma Sawuli abwira Dawidi ati: «Ng’uyu Merabu+ umukobwa wanje mukuru. Nzomuguha abe umugore wawe+. Kimwe gusa, ugume unkorera n’umutima rugabo, urwane intambara za Yehova+.» Aho rero Sawuli yibwira ati: «Ntabe ari jewe ndamwica, azokwicwe n’Abafilisitiya+.» 18 Dawidi yishura Sawuli ati: «Mbaye nde ngo mbe umukwe w’umwami? Twe n’abo mu muryango wa dawe nta co tuvuze muri Isirayeli+.» 19 Ariko hageze ko Dawidi ahabwa Merabu umukobwa wa Sawuli, Merabu yari amaze kuba umugore wa Adiriyeli+ w’i Mehola*.

20 Umukobwa wa Sawuli yitwa Mikali+ yarakunda cane Dawidi. Sawuli abimenye biramunezera. 21 Aca yibwira ati: «Nzomumuha amubere umutego, kugira ngo Abafilisitiya bamwice+.» Nuko Sawuli yongera kubwira Dawidi ati: «Uno musi urambera umukwe*.» 22 Hanyuma Sawuli ategeka abasuku biwe ati: «Genda mubwire Dawidi mu mpisho muti: “Harya umwami aragukunda, n’abasuku biwe bose baragukunda. Niwemere rero umubere umukwe*.”» 23 Abasuku ba Sawuli barabimubwira maze abishura ati: «Mwibaza ko ari icoroshe kuba umukwe* w’umwami ku muntu nkanje w’umukene kandi ata co avuze+?» 24 Maze abasuku ba Sawuli baza kumubwira bati: «Dawidi yavuze uku n’uku.»

25 Sawuli aca avuga ati: «Genda mubwire Dawidi muti: “Umwami nta nkwano agusavye+, ahubwo ico ashaka ni udushato* 100 tw’Abafilisitiya+, kugira yihore abansi biwe.”» Aho hose Sawuli yashaka ko Dawidi yicwa n’Abafilisitiya. 26 Abasuku ba Sawuli baja kumenyesha Dawidi ubwo butumwa, maze ivyo kuba umukwe* w’umwami biramuhimbara+. Ikiringo umwami yamuhaye kitararangira, 27 Dawidi ajana n’abantu biwe bica abagabo b’Abafilisitiya 200. Hanyuma Dawidi ashira umwami udushato twabo twose kugira ngo amubere umukwe*. Sawuli aca amuha umukobwa wiwe Mikali aba umugore wiwe+. 28 Sawuli araheza atahura ko Yehova yari kumwe na Dawidi+ kandi ko umukobwa wiwe Mikali yakunda cane Dawidi+. 29 Ivyo bituma Sawuli arushiriza gutinya Dawidi. Kuva ico gihe, Sawuli aba umwansi wa Dawidi ubuzima bwiwe bwose+.

30 Abatware b’Abafilisitiya barakunda gutera Abisirayeli. Igihe cose baba bateye, Dawidi yaratahukana intsinzi* kuruta abandi bantu bose ba Sawuli+. Nuko Dawidi asigara ari rurangiranwa+.

19 Mu nyuma Sawuli abwira umuhungu wiwe Yonatani n’abasuku biwe bose umugambi afise wo kwica Dawidi+. 2 Kubera ko Yonatani umuhungu wa Sawuli yakunda cane Dawidi+, amubwira ati: «Dawe Sawuli ashaka kukwicisha. Ndagusavye uzobe maso ejo mu gitondo. Uzorabe ahantu winyegeza, ugumeyo. 3 Nzojana na dawe gutembera hafi y’aho uzoba uri, nyage na we ibikwerekeye. Nihagira ico menya sinzobura kubikubwira+.»

4 Yonatani rero avugira Dawidi+ kuri se Sawuli, amubwira ati: «Mwami wanje, ntukorere ikibi* umusuku wawe Dawidi, kuko na we ata kibi yagukoreye. Ivyo yagukoreye vyarakugiriye akamaro. 5 Yarashize ubuzima bwiwe mu kaga* yica wa Mufilisitiya+, bituma Yehova aha intsinzi* ikomeye Isirayeli yose. Warabibonye uranezerwa. Kubera iki none wocumura mu gusesa amaraso y’intungane, ukicisha Dawidi ata co umuhoye+?» 6 Sawuli yumvira Yonatani maze amubwira ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, Dawidi ntazokwicwa.» 7 Mu nyuma Yonatani ahamagara Dawidi amubwira ivyo vyose. Yonatani aca amujana kwa Sawuli, abandanya kumukorera nka mbere+.

8 Mu nyuma intambara yongera kwaduka maze Dawidi aja kurwana n’Abafilisitiya. Arabica arabamara, barata barahunga.

9 Umusi umwe Yehova arareka ivyiyumviro bibi biza mu mutima wa Sawuli*+ igihe yari yicaye mu nzu iwe, afashe icumu mu kuboko. Dawidi na we yariko avuza inanga+. 10 Sawuli amutera icumu kugira amutobekeranye n’uruhome, mugabo Dawidi arazibukira, iryo cumu ryinjira mu ruhome. Muri iryo joro Dawidi aca arahunga. 11 Mu nyuma Sawuli arungika abantu ku nzu ya Dawidi ngo bamurereke maze bamwice mu gitondo+. Mugabo umugore wiwe Mikali amubwira ati: «Ejo uzopfa nutahunga muri iri joro.» 12 Ubwo nyene Mikali yururutsa Dawidi amucishije mw’idirisha kugira ngo ahunge, anyage amagara. 13 Maze Mikali afata ikigirwamana c’umuryango* agishira ku buriri. Ku mutwe na ho ahashira agahuzu kajishe mu bwoya bw’impene, araheza agipfuka impuzu.

14 Intumwa za Sawuli zije gufata Dawidi, Mikali azibwira ati: «Ararwaye.» 15 Sawuli aca asubira kurungika izo ntumwa kwa Dawidi, azibwira ati: «Nimumuterurane n’uburiri, mumunzanire kugira ngo yicwe+.» 16 Nya ntumwa zihashitse zisanga ku buriri hari ca kigirwamana c’umuryango*, ku mutwe hari agahuzu kajishe mu bwoya bw’impene. 17 Sawuli aca abwira Mikali ati: «Kubera iki wampenze gutyo, ukareka umwansi wanje+ agahunga?» Mikali amwishura ati: «Yambwiye ngo aranyica nintamureka ngo agende.»

18 Nuko Dawidi arahunga arayanyaga, aja kwa Samweli i Rama+. Amwiganira ivyo Sawuli yamukoreye vyose. Dawidi na Samweli baca baja i Nayoti+ bagumayo. 19 Mu nyuma bamenyesha Sawuli ko Dawidi ari i Nayoti mu gisagara ca Rama. 20 Sawuli aca atuma intumwa gufata Dawidi. Zibonye abahanuzi bitereye mu myaka bariko baravuga ubuhanuzi bahagarikiwe na Samweli, impwemu y’Imana ica iza kuri izo ntumwa za Sawuli, na zo nyene zitangura kwigenza nk’abahanuzi.

21 Babibwiye Sawuli, ubwo nyene aca arungika izindi ntumwa, na zo nyene zitangura kwigenza nk’abahanuzi. Araheza arungika umugwi ugira gatatu w’intumwa, na zo nyene zitangura kwigenza nk’abahanuzi. 22 Sawuli araheba arahaguruka aja i Rama. Ashitse kw’itangi rinini riri ahitwa Seku, abaza ati: «Samweli na Dawidi bari hehe?» Bamwishura bati: «Bari hariya i Nayoti+ mu gisagara ca Rama.» 23 Ariko araja i Nayoti, na we nyene impwemu y’Imana imuzako, atangura kwigenza nk’umuhanuzi gushika ashitse i Nayoti mu gisagara ca Rama. 24 Na we nyene yambura impuzu yigenza nk’umuhanuzi imbere ya Samweli nk’abandi bose. Aguma ng’aho umurango wose n’ijoro ryose yambaye ubusa*. Ni co gituma bavuga ngo: «Sawuli yakabaye na we nyene ari umuhanuzi+?»

20 Maze Dawidi arahunga, ava i Nayoti mu gisagara ca Rama. Aja kuraba Yonatani amubwira ati: «Nakoze iki+? Ikosa ryanje ni irihe? Ni igicumuro ikihe nakoreye so muko arondera kunyica?» 2 Yonatani amwishura ati: «Ivyo ntibishoboka+! Ntuzopfa. Nta kintu na kimwe dawe azokora atabanje kukimbwira, caba gito canke igihambaye. None dawe yobimpishira iki? Ivyo ntibizoba.» 3 Mugabo Dawidi yongerako ati: «So arazi neza yuko unkunda+. Ni co gituma azokwibwira ko ubimenye vyokubabaza. Ariko ndakurahiye Yehova Imana nzima, na wewe ubwawe ndakurahiye yuko ari kabiri na rimwe nkicwa+.»

4 Yonatani aca abwira Dawidi ati: «Ico umbwira cose ndakigukorera.» 5 Dawidi amwishura ati: «Kubera ko ejo hari umusi mukuru w’imboneko y’ukwezi+, ndazi neza ko umwami yiteze ko tuzofungurira hamwe ku meza. Nyemerera rero nje kwinyegeza hanze y’igisagara gushika hirya y’ejo* ku mugoroba. 6 So niyaramuka abonye ko ntahari, uzoce umubwira uti: “Dawidi yaranyinginze ngo ndamuhe uruhusha rwo gukubitira iwabo mu gisagara ca Betelehemu+, kugira abe ari kumwe n’abo mu muryango wabo bose ku kimazi batanga buri mwaka+.” 7 Niyishura ati: “Nta ngorane”, azoba ari amahoro kuri jewe umusuku wawe. Mugabo niyashavura, uzoca umenya neza ko yiyemeje kungirira nabi. 8 Uze ungirire ubuntu*+, kuko twe nawe twagiranye isezerano imbere ya Yehova+. Mugabo nimba hari ikosa nakoze+, nunyiyicire. Kubera iki wokwirirwa urantwara kwa so?»

9 Yonatani na we amwishura ati: «Ivyo ntibishoboka! Ninamenya ko dawe yiyemeje kukugirira nabi, sinzobura guca ndabikumenyesha+.» 10 Maze Dawidi abwira Yonatani ati: «None so niyakwishura nabi, nzobimenya gute?» 11 Yonatani amubwira ati: «Ingo tuje hanze y’igisagara.» Nuko bompi baragenda. 12 Yonatani aca abwira Dawidi ati: «Yehova Imana ya Isirayeli abe icabona yuko ejo canke hirya y’ejo nzoraba uko nsokoroza dawe. Niyaba akubona neza, sinzobura kubikumenyesha. 13 Mugabo nimba dawe yipfuza kukugirira nabi, Yehova aze abimpanire bimwe bikomeye, nintabikumenyesha kugira wigire amahoro. Yehova aze abane nawe+, nk’uko nyene yabanye na dawe+. 14 Uzongirire ubuntu* nk’ubwa Yehova nkiriho, mbere n’igihe nzoba narapfuye+. 15 Ntuze wigere ureka kugirira ubuntu* umuryango wanje+, n’igihe Yehova azoba yazimanganije abansi bawe bose kw’isi.» 16 Yonatani rero agirana isezerano n’umuryango* wa Dawidi. Avuga ati: «Yehova azohana abansi ba Dawidi.» 17 Nuko Yonatani asaba Dawidi ngo asubire kumurahira yisunze urukundo yari amufitiye, kuko Yonatani yamukunda nk’uko yikunda+.

18 Yonatani aca amubwira ati: «Ejo ni umusi mukuru w’imboneko y’ukwezi+ kandi bazobona ko atari ho uri, kuko ikibanza cawe kizoba kigaragara. 19 Hirya y’ejo* bizorushiriza kwibonekeza ko atari ho uri. Uzoce rero uza aha hantu wari winyegeje wa musi*, uheze ugume hafi y’iri buye. 20 Nzoca ndasa imyampi itatu ku ruhande rumwe rwaryo, nk’uwuriko ararasa ikintu. 21 Nzoheza ntume umusuku wanje ndamubwire nti: “Genda utore irya myampi.” Ninamubwira nti: “Imyampi iri hino yawe, yitore”, uzoce ugaruka. Ndakurahiye Yehova Imana nzima, azoba ari amahoro kandi nta ngorane izoba ihari. 22 Mugabo ninabwira uwo muhungu nti: “Imyampi iri hirya yawe”, uzoce wigira kuko Yehova azoba ashimye ko ugenda. 23 Nayo ku bijanye n’isezerano twe nawe twagiranye+, Yehova abe icabona hagati yacu ibihe bidahera+.»

24 Nuko Dawidi yinyegeza hanze y’igisagara. Umusi mukuru w’imboneko y’ukwezi ugeze, umwami aricara kugira ngo afungure+. 25 Umwami yari yicaye aho asanzwe yicara hafi y’uruhome, Yonatani arabana na we. Abuneri+ yari yicaye iruhande ya Sawuli, mugabo ikibanza ca Dawidi caragaragara. 26 Uwo musi Sawuli nta kintu na kimwe yavuze, kuko yibwira ati: «Hari ikintu catumye ahumana+. Ivyo ari vyo vyose, ategerezwa kuba ahumanye.» 27 No ku musi ukurikira imboneko y’ukwezi, ikibanza ca Dawidi caragaragara. Sawuli aca abaza umuhungu wiwe Yonatani ati: «Kubera iki uyu musi n’ejo, mwene Yese+ ataje gufungura?» 28 Yonatani yishura Sawuli ati: «Dawidi yaranyinginze ngo ndamuhe uruhusha rwo kuja i Betelehemu+. 29 Yambwiye ati: “Ndagusavye unyemerere ngende mu gisagara iwacu kuko mu muryango wacu tuzotanga ikimazi, kandi mwenewacu ni we yantumyeko. Nimba rero ubishimye, ndagusavye ureke ngende mw’ibanga kuraba benewacu.” Ni co gituma ataje gusangira n’umwami.» 30 Sawuli aca ashavurira cane Yonatani, amubwira ati: «Wa mwana w’umugore w’umugarariji we! Wibaza ko ntazi yuko wahisemwo gushigikira mwene Yese? Uriko urimaramaza, umaramaza na nyoko*! 31 Igihe cose mwene Yese azoba akiriho, ntuzoshinga imizi, n’ubwami bwawe ntibuzorama+. Rungika rero umuntu aja kumunzanira, kuko ategerezwa gupfa*+.»

32 Ariko Yonatani abwira se wiwe Sawuli ati: «Kubera iki yokwicwa+? Yakoze iki?» 33 Sawuli aca amutera icumu kugira ngo amwice+. Yonatani araheza amenya ko se yari yiyemeje kwica Dawidi+. 34 Ubwo nyene Yonatani ava ku meza yaratse. Kuri uwo musi ugira kabiri*, ntiyarya ikintu na kimwe kubera yari ababajwe na Dawidi+ kandi se akaba yari yamumaramaje.

35 Bukeye mu gitondo, Yonatani aja hanze y’igisagara kuri rya sango yahana na Dawidi, ari kumwe n’umusuku akiri muto+. 36 Abwira rero nya musuku wiwe ati: «Ndagusavye wiruke, utore imyampi ngira ndase.» Nya musuku ariruka, maze Yonatani arasa umwampi uramurengana. 37 Uwo musuku ashitse ahari nya mwampi Yonatani yarashe, Yonatani aca aramuhamagara amubwira ati: «Raba ko uwo mwampi utari hirya yawe.» 38 Yonatani yongerako ati: «Nyarutsa nyarutsa, ntutebe!» Nya musuku atora imyampi shebuja yarashe maze agaruka iyo ari. 39 Ariko uwo musuku ntiyatahura ico ivyo bintu bisobanura. Yonatani na Dawidi ni bo gusa bari babizi. 40 Yonatani aca aha ibirwanisho vyiwe uwo musuku, amubwira ati: «Bitware mu gisagara.»

41 Nya musuku agiye, Dawidi aca ava aho yari anyegeye mu micungararo, mu bumanuko bw’aho Yonatani yari. Maze arunama incuro zitatu mu maso hiwe hashika hasi. Baca baragumbirana* bararira, Dawidi aba ari we arira cane. 42 Yonatani abwira Dawidi ati: «Genda amahoro, kuko twese twarahiye+ mw’izina rya Yehova duti: “Yehova abe icabona hagati yanje nawe no hagati y’uruvyaro* rwawe n’urwanje gushitsa ibihe bidahera+.”»

Dawidi aca aragenda, Yonatani na we asubira mu gisagara.

21 Mu nyuma Dawidi ashika i Nobu+ ku muherezi Ahimeleki. Ahimeleki amubonye atangura kujugumira, amubaza ati: «Bigenze gute ngo uze uri wenyene, ata wundi muri kumwe+?» 2 Dawidi yishura umuherezi Ahimeleki ati: «Hari ikintu umwami yansavye gukora, mugabo ambwira ati: “Ntihagire n’umwe amenya iyo ndagutumye n’ico ndagutumye gukora.” Ariko navuganye n’abagabo turi kumwe aho tuza guhurira. 3 Nimba rero ufise imikate itanu, ndagusavye uyimfashishe canke umpe ico woronka cose.» 4 Mugabo nya muherezi yishura Dawidi ati: «Nta mikate isanzwe mfise, hari imikate myeranda+ gusa. Abagabo muri kumwe barashobora kuyirya bakire gusa kuba baririnze abagore*+.» 5 Dawidi amwishura ati: «Twaririnze abagore nk’uko twamye tubigira tugiye ku rugamba+. Abo bagabo baba ari beranda n’igihe bari ku gikorwa gisanzwe. Hari akantu uyu musi!» 6 Uwo muherezi aca amuha imikate myeranda+, kuko ata yindi yari ihari kiretse imikate y’ishikanwa. Iyo mikate yari yakuwe imbere ya Yehova kuri uwo musi, bayisubiriza mishasha.

7 Hari umusuku wa Sawuli yari ng’aho kuri uwo musi. Vyari vyabaye ngombwa ko aguma imbere ya Yehova*. Yari Umunyedomu+ yitwa Dowegi+, akaba yari umukuru w’abungere ba Sawuli.

8 Dawidi aca abaza Ahimeleki ati: «Hari icumu canke inkota woba ufise? Naje ntitwaje inkota yanje canke ibirwanisho, kubera ko igikorwa umwami yantumye cari cihuta.» 9 Uwo muherezi amwishura ati: «Hari inkota ya wa Mufilisitiya Goliyati+, umwe wicira mu kiyaya ca Ela+. Izingiye mu gitambara inyuma ya efodi+. Nimba ushaka kuyitwara yitware, kuko ari yo yonyene ihari.» Dawidi na we ati: «Nta yindi imeze nka yo. Yimpe.»

10 Uwo musi nyene, Dawidi abandanya guhunga+ Sawuli. Amaherezo ashika kwa Akishi umwami w’i Gati+. 11 Abasuku ba Akishi bamubwira bati: «Mbega uyo si Dawidi umwami wa ca gihugu? Uyo si wa wundi bahayagiza mu kuririmba batamba ngo:

“Sawuli yishe abansi ibihumbi,

Dawidi na we ibihumbi mirongo+”?»

12 Dawidi ashira ayo majambo ku mutima. Atangura gutinya cane+ kubera Akishi umwami w’i Gati. 13 Nuko yigira umusazi+ imbere yabo, atangura kwigenza nk’umuntu adakomeye muri bo*. Yaza araharagura ku miryango y’irembo, akarekura n’urukonda rukarekera ku bwanwa. 14 Amaherezo Akishi abwira abasuku biwe ati: «Uyu mugabo ntimubona ko ari umusazi? Kubera iki none mumunzaniye? 15 Mbega ndakenye abasazi, muko munzanira uwundi ngo aze gusarira imbere yanje? Mubona uyo akwiye kunyinjirira mu nzu?»

22 Nuko Dawidi ava ng’aho+, ahungira mw’isenga ry’i Adulamu+. Benewabo n’abandi bose bo mu muryango wa se bavyumvise, bamusangayo. 2 Maze abantu bose bari bifitiye ingorane, abari bafise amadeni, n’abagendana imyidogo*, bose bakoranira kuri we, aba umukuru wabo. Bari abagabo nka 400.

3 Mu nyuma Dawidi ava ng’aho aja i Mizipe mu karere ka Mowabu+. Abwira umwami wa Mowabu ati: «Ndagusavye dawe na mawe babe barabanye namwe gushika menye ico Imana izongirira.» 4 Nuko abasigarana umwami wa Mowabu. Baguma babana na we imisi yose Dawidi yamaze mu buhungiro+.

5 Mu nyuma umuhanuzi Gadi+ abwira Dawidi ati: «Yaco uguma aho hantu wahungiye. Genda mu karere k’Ubuyuda+.» Nuko Dawidi aragenda, aja mu kibira ca Hereti.

6 Sawuli yumva ko hari ababonye Dawidi n’abagabo bari kumwe. Ico gihe Sawuli yari i Gibeya+ yicaye munsi y’igiti c’umwesheri cari hejuru ku gasozi. Yari afise icumu mu minwe, akikujwe n’abasuku biwe bose. 7 Maze Sawuli abwira abo basuku ati: «Ndabasavye muntege amatwi yemwe Babenyamini. Mbega mwibaza ko mwene Yese+ na we nyene azobaha mwese amatongo n’imirima y’imizabibu? Mwibaza ko mwese azobagira abakuru b’abasoda ibihumbi canke abakuru b’abasoda amajana+? 8 Mwese mwagiye inama yo kundwanya. Nta n’umwe yamenyesheje ko umuhungu wanje yagiranye isezerano na mwene Yese+. Nta n’umwe muri mwebwe anyumvira akagongwe. Nta n’umwe yambwiye yuko umuhungu nivyariye yoheje umusuku wanje ngo arondere ingene yongirira nabi. Ubu ariko arampiga.»

9 Dowegi+ wa Munyedomu, ari na we yari ahagarikiye abasuku ba Sawuli bari ng’aho, aca yishura+ ati: «Narabonye mwene Yese aza i Nobu kwa Ahimeleki mwene Ahitubu+. 10 Ahimeleki yaramuhanurije Yehova, amutekerera n’ibifungurwa. Yaramuhaye na ya nkota ya wa Mufilisitiya Goliyati+.» 11 Umwami aca atumako Ahimeleki mwene Ahitubu umuherezi, n’abaherezi bose bo mu muryango wa se. Nuko bose bava i Nobu barenguka imbere y’umwami.

12 Sawuli rero avuga ati: «Ntega amatwi, yewe mwene Ahitubu.» Na we ati: «Ndaguteze yompi mwami.» 13 Sawuli amubwira ati: «Kubera iki wewe na mwene Yese mwagiye inama yo kundwanya? Kubera iki wamuhaye ibifungurwa* n’inkota, ukanamuhanuriza Imana, kandi ariko arandwanya arondera n’ingene yongirira nabi?» 14 Ahimeleki aca yishura umwami ati: «Mu basuku bawe bose, ni nde ari umwizigirwa nka Dawidi+? Ni umukwe wawe+ mwami akaba n’umukuru w’abacungera ubuzima bwawe, kandi arubahwa mu rugo rwawe+. 15 Erega ntiryari ryo rya mbere ndamuhanurije Imana+. Sinokwubahuka kukurwanya. Umwami ntanyiyumvire ukutari kwo jewe umusavyi wiwe n’abo mu muryango wa dawe bose, kuko ivyo ata na kimwe nari ndabiziko+.»

16 Mugabo umwami avuga ati: «Ntugenda udapfuye+ Ahimeleki, mwe n’abo mu muryango wa so bose+.» 17 Umwami aca ategeka abarinzi* bari iruhande yiwe ati: «Nimwice abaherezi ba Yehova kuko bagiye ku ruhande rwa Dawidi. Bari bazi yuko ariko arahunga, ariko ntibamenyesha ko bamubonye.» Mugabo abo basuku b’umwami banka kwica abaherezi ba Yehova. 18 Umwami aca abwira Dowegi+ ati: «Ica abo baherezi!» Ubwo nyene Dowegi Umunyedomu+ aca arabica. Uwo musi yica abaherezi* 85+. 19 Yongera yicisha inkota ababa i Nobu+ ca gisagara c’abaherezi. Yica abagabo n’abagore, abana n’inzoya, inka n’indogobwa n’intama.

20 Ariko Abiyatari+ umuhungu wa Ahimeleki mwene Ahitubu arabacika maze arahunga akurikira Dawidi. 21 Abiyatari abwira Dawidi ati: «Sawuli yishe abaherezi ba Yehova.» 22 Dawidi aca abwira Abiyatari ati: «Umusi naja kwa so nkahabona Dowegi Umunyedomu, naciye menya+ ko atazobura kubibwira Sawuli. Abo mu muryango wa so bose ni jewe bazize. 23 Gumana nanje. Ntutinye kuko uwo wese azorondera kukwica, na jewe azoba arondera kunyica. Nzogukingira+.»

23 Mu nyuma bamenyesha Dawidi bati: «Abafilisitiya bateye igisagara ca Keyila+, kandi bariko barasahura ivyimburwa ku mbuga zo mu mirima*.» 2 Dawidi abaza Yehova+ ati: «Nje kurwanya abo Bafilisitiya?» Yehova amwishura ati: «Genda ubarwanye ukize igisagara ca Keyila.» 3 Mugabo ingabo za Dawidi zimubwira ziti: «Dufise ubwoba turi ng’aha mu Buyuda+, hari akantu tugiye i Keyila kurwana n’ingabo z’Abafilisitiya+!» 4 Dawidi asubira kubaza Yehova+. Maze Yehova amwishura ati: «Haguruka uje i Keyila, kuko nza kugufasha gutsinda Abafilisitiya+.» 5 Dawidi ajana rero n’ingabo ziwe i Keyila, arwana n’Abafilisitiya. Arabica arabamara, atwara n’ibitungwa vyabo. Dawidi aba atabaye ababa i Keyila+.

6 Igihe Abiyatari+ mwene Ahimeleki yahunga agakurikira Dawidi i Keyila, yagiye ajanye efodi. 7 Mu nyuma babwira Sawuli ko Dawidi ari i Keyila. Maze Sawuli avuga ati: «Imana iramumpaye*+, kuko yitaye mu mutego mu kuja mu gisagara gifise amarembo n’ivyugazo.» 8 Sawuli akoranya ingabo zose ngo baje gutera i Keyila, bugarize Dawidi n’abantu biwe. 9 Dawidi amenye ko Sawuli agomba aze kumutera, abwira umuherezi Abiyatari ati: «Zana efodi+.» 10 Dawidi aca avuga ati: «Ewe Yehova Mana ya Isirayeli, jewe umusavyi wawe namenye neza ko Sawuli agomba aze guhonya igisagara ca Keyila kubera jewe+. 11 Mbega abatware* b’i Keyila bazontanga kuri Sawuli? Mbega Sawuli azoza nk’uko jewe umusavyi wawe navyumvise? Ewe Yehova Mana ya Isirayeli, ndakwinginze ubimenyeshe.» Yehova amwishura ati: «Azoza.» 12 Dawidi aca abaza ati: «None abatware b’i Keyila bazodutanga kuri Sawuli, twe n’abantu banje?» Yehova yishura ati: «Bazobatanga.»

13 Dawidi n’abantu biwe nka 600+ baca bava i Keyila baza barimukira mu bibanza bitarimwo akaga. Sawuli amenye yuko Dawidi yavuye i Keyila agahunga, aca areka kuja kumuhiga. 14 Dawidi aguma aba mu bibanza bigoye gushikamwo, mu karere k’imisozi kari mu bugaragwa bw’i Zifu+. Sawuli yaguma amuhiga+, mugabo Yehova ntiyareka ngo amufate. 15 Igihe Dawidi yari mu bugaragwa bw’i Zifu i Horeshi, yari azi* ko Sawuli yariko aramuhiga kugira amwice.

16 Nuko Yonatani mwene Sawuli aja kuraba Dawidi i Horeshi, amuremesha kwizigira Yehova*+. 17 Amubwira ati: «Ntutinye kuko dawe Sawuli atazogenda agutoye. Uzoba umwami wa Isirayeli+, nanje nze ubwa kabiri. Na dawe Sawuli ivyo arabizi+.» 18 Maze abo babiri bagirana isezerano+ imbere ya Yehova. Nuko Dawidi aguma i Horeshi, Yonatani na we arataha.

19 Ababa i Zifu baduga i Gibeya+ kwa Sawuli bamubwira bati: «Dawidi yinyegeje hafi y’iwacu+ mu bibanza bigoye gushikamwo i Horeshi+, ku gasozi ka Hakila+ kari mu bumanuko* bwa Yeshimoni*+. 20 Igihe cose uzobishakira mwami, uzoce umanuka tuzomugushikiriza+.» 21 Sawuli aca avuga ati: «Muragahezagirwa na Yehova, kuko mwanyumviye impuhwe. 22 Ndabasavye mugende mutohoze neza aho ari n’uwamubonye. Bambwiye ko ari umunyamayeri cane. 23 Muperereze neza aho hose yinyegeza, muce munzanira amakuru atomoye. Nzoheza njane namwe. Niyaba ari mu gihugu, nzomurondera hasi kubura hejuru mu miryango* yose ya bene Yuda.»

24 Nuko bava ng’aho basubira i Zifu+, bitangira imbere Sawuli. Dawidi n’abantu biwe bari mu bugaragwa bw’i Mayoni+ mu karere ka Araba+, mu bumanuko bwa Yeshimoni. 25 Sawuli aca azanana n’abantu biwe kumurondera+. Dawidi abimenye, aca amanuka ku rutare+ ruri mu bugaragwa bw’i Mayoni agumayo. Sawuli ngo avyumve, aca aja kumuhiga muri ubwo bugaragwa. 26 Araza ashika ku ruhande rumwe rw’umusozi, Dawidi n’abantu biwe na bo bari ku rundi. Dawidi n’abantu biwe bihutira guhunga+ Sawuli, mugabo Sawuli n’ingabo ziwe baguma babasugereza kugira ngo babafate+. 27 Haca haza intumwa kuri Sawuli, ivuga iti: «Nunyaruke uze kuko Abafilisitiya bateye igihugu.» 28 Sawuli aca areka guhiga Dawidi+, aja kurwana n’Abafilisitiya. Ni co gituma aho hantu bahise Urutare rw’ugutandukana.

29 Maze Dawidi ava ng’aho, araduga aja kuba i Eni-Gedi+ mu bibanza bigoye gushikamwo.

24 Sawuli akiva kurwanya Abafilisitiya, bamumenyesha ko Dawidi ari mu bugaragwa bw’i Eni-Gedi+.

2 Sawuli aca atora abagabo b’intwari 3.000 muri Isirayeli yose, baja guhiga Dawidi n’abantu biwe mu bitandara bihanamye bibako impene zo mu misozi. 3 Sawuli ashika ahantu hari impongore z’intama zubakishijwe amabuye zari iruhande y’inzira. Aho hantu hari isenga. Sawuli yinjirayo kwitabara*, mu gihe Dawidi n’abantu biwe bari bicaye hirya cane muri iryo senga+. 4 Abantu ba Dawidi bamubwira bati: «Uyu musi Yehova akubwiye ati: “Ng’uyu umwansi wawe ndamuguhaye+, mugire uko ushaka.”» Maze Dawidi arahaguruka, agegena buhorobuhoro agace k’epfo k’impuzu itagira amaboko ya Sawuli. 5 Mugabo Dawidi amaze kubikora, umutima* wiwe uramwagiriza+ kubera yari acacuye agace k’epfo k’impuzu ya Sawuli. 6 Abwira abantu biwe ati: «Kubera ko ntinya Yehova, sinokwubahuka gukorera ikintu nk’ico umwami wanje, uwo Yehova yarobanuje amavuta*. Sinokwubahuka kumugirira nabi kuko Yehova yamurobanuje amavuta+.» 7 Dawidi avuze ivyo, abuza* abantu biwe kugirira nabi Sawuli. Nayo Sawuli ava muri iryo senga, aragenda.

8 Dawidi na we araheza ava muri iryo senga, maze ahamagara Sawuli n’ijwi rirenga ati: «Mwami wanje, databuja+!» Sawuli ahindukiye, Dawidi aca aramwunamira, mu maso hiwe hashika hasi. 9 Dawidi abwira Sawuli ati: «Kubera iki wumviriza amabwire y’abavuga ko ndondera kukugirira nabi+? 10 Uyu musi uriboneye ingene Yehova yari akumpaye mw’isenga. Hari uwavuze ngo tukwice+, ariko nakwumviye akagongwe nca mvuga nti: “Sinogirira nabi umwami wanje, kuko Yehova yamurobanuje amavuta+.” 11 Ehe raba dawe, mfise agace k’epfo k’impuzu yawe itagira amaboko. Igihe nagacacura nari kukwica, ariko sinakwishe. Urabona neza rero ko ntipfuza kukugirira nabi canke kukugarariza. Kandi nta caha nagukoreye+ naho wewe uguma umpiga ngo unyice+. 12 Yehova naducire urubanza twe nawe+, kandi Yehova akwihore kubera ivyo unkorera+. Nayo jewe, nta n’urwara nzokurya+. 13 Aba kera barayamaze ngo: “Ububisha buva ku babisha.” Jewe nta rwara nzogenda ndakuriye. 14 Mbega umwami wa Isirayeli yaje kurondera nde? Uriko uhiga jewe? Erega ndi imbwa ipfuye, imbaragasa imwe rudende+. 15 Yehova nabe umucamanza, kandi aze aducire urubanza twe nawe. Azokwihweza ivyanje amburanire+. Azoncira urubanza akunkize.»

16 Dawidi akirangiza kumubwira ayo majambo, Sawuli aca avuga ati: «Iryo jwi ni rwawe ga mwananje Dawidi+?» Maze Sawuli atangura kurira araboroga. 17 Abwira Dawidi ati: «Uri intungane kundusha kuko wangiriye neza, ariko jewe nkwishura ikibi+. 18 Uyu musi uranyeretse ko unyipfuriza ineza, kuko utanyishe kandi Yehova yari yaguhaye akaryo ko kunyica+. 19 Hari uwobona umwansi wiwe akamureka akigira impore? Yehova azoguhemba ivyiza+ kubera ivyo unkoreye uyu musi. 20 Ubu ndamenye ko utazobura kuba umwami+ kandi ko ku ntwaro yawe ubwami bwa Isirayeli buzoramba. 21 Ndagusavye rero undahire mw’izina rya Yehova+ yuko ninapfa utazohonya uruvyaro* rwanje be n’uko utazozimanganya izina ryanje mu muryango wa dawe+.» 22 Nuko Dawidi arahira Sawuli, maze Sawuli asubira iwe+. Dawidi n’abantu biwe na bo basubira mu kibanza binyegezamwo+.

25 Mu nyuma Samweli+ arapfa. Abisirayeli bose bakoranira hamwe baramuririra, maze bamuhamba ku rugo iwe i Rama+. Dawidi araheza aja mu bugaragwa bw’i Parani.

2 Hari umugabo umwe w’i Mayoni+ yari afise itunga i Karumeli*+. Yari atunze cane: yari afise intama 3.000 n’impene 1.000. Ico gihe yari i Karumeli kumwa ubwoya bw’intama ziwe. 3 Uwo mugabo yitwa Nabali+, umugore wiwe akitwa Abigayili+. Yari umugore mwiza kandi w’ubwenge, ariko umugabo wiwe yari umuntu akaze, w’ingeso mbi+. Yakomoka kuri Kalebu+. 4 Dawidi yari mu bugaragwa maze yumva ko Nabali ariko aramwa ubwoya bw’intama ziwe. 5 Dawidi atuma rero abantu cumi, ababwira ati: «Duge i Karumeli kwa Nabali. Nimwashikayo mumumbarize ko akomeye. 6 Muce mumubwira muti: “Urakaramba ugire amahoro*, kandi uroranirwe mu bawe no mu vyawe. 7 Numvise yuko uriko uramwa ubwoya bw’intama zawe. Igihe abungere bawe bari kumwe natwe, nta kibi twabagiriye+. Kandi igihe cose bamaze i Karumeli nta kintu na kimwe batakaje. 8 Shaka ubaze imisore yawe irabikubwira. Ndagusavye wakire neza abo bantu ndungitse kuko tuje ku gihe ciza*. Nimba hari ico woba usigaranye, nkundira ugihe abo basuku bawe n’umuhungu wawe Dawidi+.”»

9 Nuko abo bantu ba Dawidi baragenda, babwira Nabali ivyo Dawidi yabatumye vyose. Bahejeje, 10 Nabali abishura ati: «Dawidi mwene Yese abaye nde? Erega muri iyi misi abasuku benshi basigaye batoroka ba shebuja+. 11 None mfate umukate wanje, n’amazi yanje, n’inyama nabagiye abamwa intama zanje, ndabihe abantu ntazi n’iyo bava?»

12 Nuko abo bantu Dawidi yari yatumye baragaruka, bamwiganira ivyo vyose. 13 Ubwo nyene Dawidi abwira abantu biwe ati: «Umwe wese nakenyere inkota yiwe+!» Nuko bose barazikenyera, na Dawidi akenyera rwiwe. Abagabo nka 400 bajana na we, 200 bandi basigarana imizigo.

14 Muri uwo mwanya, umwe mu basuku ba Nabali abwira Abigayili muka Nabali ati: «Urazi? Dawidi yarungitse intumwa zivuye mu bugaragwa kugira ngo yipfurize ineza databuja, mugabo yazitukaguye+. 15 Abo bagabo baradufashe neza cane. Ntibigeze batugirira nabi, kandi nta kintu na kimwe twatakaje igihe cose twamaranye mu gahinga+. 16 Igihe cose twamaranye na bo turagiye ubusho, batubereye nk’uruhome rudukingira umurango n’ijoro. 17 Raba rero ico ukora kuko ivyago bitabura gushikira databuja n’abo mu rugo rwiwe bose+. Urazi ko databuja ari umuntu w’imburakimazi+ ata wogira ico amubwira.»

18 Abigayili+ aca afata imikate 200, imibindi minini ibiri y’umuvinyu, intama zitanu zibaze, ingero* zitanu z’intete zikaranze, udukate 100 dukozwe mu nzabibu zumye, n’utundi 200 dukozwe mu nsukoni zumye babumbabumvye, vyose abishira ku ndogobwa+. 19 Aca abwira abasuku biwe ati: «Ba muragenda ndaje.» Mugabo ntiyagira na kimwe abwira umugabo wiwe Nabali.

20 Igihe Abigayili yariko aramanuka umusozi ari ku ndogobwa yiwe, Dawidi n’abantu biwe na bo bariko baramanuka bamugana. Mugabo ntibamubona kuko uwo musozi wari umukingiriye. Agize atya ahura na bo. 21 Dawidi yariko avuga ati: «Naruhiye ubusa mu gukingira ibintu vyose vy’uwo mugabo mu gahinga. Nta kintu na kimwe mu vyiwe catakaye+, ariko raba anyishuye inabi ku ciza namukoreye+. 22 Imana ihane abansi ba Dawidi* bimwe bikomeye, ejo mu gitondo nihagera hari uw’igitsina-gabo* mu biwe akiri muzima.»

23 Abigayili akibona Dawidi, yururuka indogobwa ningoga maze yunamira Dawidi, mu maso hiwe hashika hasi. 24 Agwa ku birenge vyiwe maze avuga ati: «Ikosa nirije ku gatwe kanje databuja. Ndagusavye ngire ico nkubwira, untege yompi jewe umusukukazi wawe. 25 Ndagusavye databuja ntushire umutima kuri uwo mugabo w’imburakimazi Nabali+. Izina ni ryo muntu. Yitwa Nabali*, nta bwenge agira. Nayo jewe umusukukazi wawe, abantu watumye sinababonye databuja. 26 Ndakurahiye Yehova Imana nzima, na wewe ubwawe ndakurahiye databuja, Yehova ni we yakubujije+ gukora icaha co gusesa amaraso+ no kwihora*. Abansi bawe databuja n’abarondera kukugirira nabi, barakaba nka Nabali. 27 Ndagusavye databuja, umpere abantu mugendana iyi ngabire*+ jewe umusukukazi wawe ndakuzaniye+. 28 Ndakwinginze uharire igicumuro c’umusukukazi wawe. Yehova ntazobura gutuma uruvyaro rwa databuja ruramba+, kubera yuko urwana intambara za Yehova+ kandi akaba ata kibi urigera ukora+. 29 Nihagira uwugukurikira arondera kukwica databuja, Yehova Imana yawe azozigama ubuzima bwawe nk’aho yoba abutekeye mw’isaho y’ubuzima. Mugabo ubuzima bw’abansi bawe, azobuterera kure nka kurya kw’ibuye bateresheje umugozi*. 30 Yehova niyagukorera ivyiza vyose yagusezeraniye databuja, akakugira indongozi ya Isirayeli+, 31 nta co uzokwiyagiriza canke ngo wicuze* kubera ko utazoba washeshe amaraso bidakenewe canke ngo wihore*+. Yehova niyakugirira neza databuja, uze wibuke umusukukazi wawe.»

32 Dawidi aca abwira Abigayili ati: «Haninahazwe Yehova Imana ya Isirayeli, we yakurungitse uyu musi guhura nanje. 33 Imana iguhezagire kubera ubukerebutsi bwawe. Iguhezagire kubera ko uyu musi wambujije gukora icaha co gusesa amaraso+ no kwihora*. 34 Ariko ndakurahiye Yehova Imana nzima, Imana ya Isirayeli yo yambujije kukugirira nabi+: iyo utanyaruka ngo duhure+, bwari guca ata muntu n’umwe w’igitsina-gabo* asigaye mu rugo kwa Nabali+.» 35 Nuko Dawidi yakira ivyo Abigayili yari amuzaniye, aca amubwira ati: «Niwisubirire iwawe amahoro. Ivyo umbwiye navyumvise kandi nzokora ivyo unsavye.»

36 Abigayili asubira iwe asanga Nabali yiteretse inzimano nk’iy’umwami mu nzu iwe. Nabali* yari aryohewe, yaborewe cane. Abigayili nta kintu na kimwe yamubwiye gushika bukeye. 37 Mu gitondo inzoga zimaze kumuvako, umugore wiwe amwiganira ivyabaye. Maze umutima wa Nabali uba nk’uwuhagaze, arakongatara amera nk’ibuye. 38 Inyuma y’imisi nka cumi, Yehova ateza urupfu Nabali.

39 Dawidi yumvise ko Nabali yapfuye, avuga ati: «Yehova aninahazwe, we yifatiye mu minwe ivyanje+, agacira urubanza Nabali+ kubera ibitutsi yantutse, akambuza jewe umusavyi wiwe gukora ikibi+. Yehova agarukanye ku gatwe ka Nabali ikibi yakoze.» Nuko Dawidi atuma abantu kubwira Abigayili ko yipfuza kumucura ngo abe umugore wiwe. 40 Abasuku ba Dawidi baza i Karumeli babwira Abigayili bati: «Dawidi adutumye kukubwira ko yipfuza kugucura ngo ube umugore wiwe.» 41 Ubwo nyene arahaguruka maze arunama mu maso hiwe hashika hasi. Avuga ati: «Ndemeye kuba umusukukazi yoza ibirenge+ vy’abasuku ba databuja.» 42 Abigayili+ yunamuka ningoga, aca yurira indogobwa ajana n’intumwa za Dawidi. Abasukukazi batanu baramukurikira bajana na we. Araheza aba umugore wa Dawidi.

43 Dawidi yari amaze kwubakana na Ahinowamu+ w’i Yezireli+. Abo babiri baca baba abagore biwe+.

44 Nayo Mikali+ umukobwa wa Sawuli, wa mugore wa Dawidi, Sawuli yari yaramuhaye Paliti+ mwene Layishi w’i Galimu.

26 Mu nyuma abantu b’i Zifu+ baza kuraba Sawuli i Gibeya+, bamubwira bati: «Dawidi yinyegeje ku gasozi ka Hakila karabana n’i Yeshimoni*+.» 2 Nuko Sawuli arahaguruka, amanuka mu bugaragwa bw’i Zifu ari kumwe n’abagabo b’intwari 3.000 bo muri Isirayeli, aja kurondera Dawidi muri ubwo bugaragwa+. 3 Sawuli akambika hafi y’inzira ku gasozi ka Hakila karabana n’i Yeshimoni. Ico gihe Dawidi yaba mu bugaragwa. Maze amenya ko Sawuli yaje kumuhiga muri ubwo bugaragwa. 4 Dawidi arungika rero abaja gusuma urusaku* ngo barabe ko Sawuli yaje vy’ukuri. 5 Mu nyuma Dawidi aja aho Sawuli yari akambitse, maze abona aho Sawuli na Abuneri baryamye. Abuneri+ yari mwene Neri, akaba n’umukuru w’ingabo za Sawuli. Sawuli yari aryamye hagati mw’ikambi, ingabo ziwe zimukikuje. 6 Dawidi abwira Ahimeleki Umuheti+ na Abishayi+ mwene Zeruwiya+, akaba na mwenewabo na Yowabu ati: «Ni nde tumanukana mw’ikambi aho Sawuli ari?» Abishayi amwishura ati: «Turamanukana.» 7 Dawidi na Abishayi bahengera mw’ijoro, baja aho ingabo zikambitse. Basanga Sawuli aryamye hagati mw’ikambi, icumu ryiwe rishinze hasi hafi y’umutwe wiwe. Abuneri n’ingabo bari baryamye irya n’ino yiwe.

8 Abishayi aca abwira Dawidi ati: «Uyu musi Imana iguhaye umwansi wawe+. Ndagusavye rero undeke ndamuzibure iri cumu ndarishikane hasi. Ndabigira rimwe gusa, sindinda kubigira irya kabiri.» 9 Ariko Dawidi abwira Abishayi ati: «Ntumugirire nabi. Hari uwogirira nabi uwo Yehova yarobanuje amavuta*+ ntihagire icaha kimwagira+?» 10 Dawidi yongerako ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, Yehova ubwiwe azomwiyicira+, canke umusi uri izina+ apfe nk’abandi bose, canke aje ku rugamba agweyo+. 11 Kubera ko ntinya Yehova, sinokwubahuka kugirira nabi uwo Yehova yarobanuje amavuta+! Ndagusavye rero utore icumu riri hafi y’umutwe wiwe n’ikarabo ry’amazi, duheze twigire.» 12 Nuko Dawidi atora icumu n’ikarabo ry’amazi vyari hafi y’umutwe wa Sawuli, maze barigira. Nta n’umwe yababonye+ canke ngo abumve canke ngo yikangure. Bose bari basinziriye kubera yuko Yehova yari yabateje itiro ryinshi. 13 Maze Dawidi aja hakurya, ahagarara kw’isonga ry’umusozi nka hariya, kure y’aho Sawuli yari.

14 Dawidi ahamagara Abuneri+ mwene Neri n’ingabo ziwe ati: «Abuneri, uranyumva?» Abuneri yishura ati: «Uri nde wewe wubahuka gukoma umwami?» 15 Dawidi abwira Abuneri ati: «Mbega nturi umugabo w’intwari? Muri Isirayeli hari uwumeze nkawe? Kubera iki none utarinze umwami wawe? Hari umusoda yinjiye mw’ikambi, agomba kwica umwami wawe+. 16 Ivyo wakoze si vyiza. Ndakurahiye Yehova Imana nzima, mwese mukwiye gupfa kuko mutarinze shobuja, uwo Yehova yarobanuje amavuta+. Raba irya n’ino yawe. Icumu ry’umwami n’ikarabo ry’amazi+ vyari iruhande y’umutwe wiwe biri hehe?»

17 Sawuli aca amenya ijwi rya Dawidi, avuga ati: «Iryo jwi ni rwawe ga mwananje Dawidi+?» Dawidi yishura ati: «Egome mwami.» 18 Yongerako ati: «Umpigira iki databuja+? Nakoze iki? Ikosa ryanje ni irihe+? 19 Ndagusavye databuja unyumvirize jewe umusuku wawe: nimba Yehova ari we agutuma kundwanya, aze yakire* ishikanwa ryanje ry’intete. Mugabo nimba ari abantu+, barakavumwa na Yehova kuko banyomoye bagatuma ntaba ncifatanya n’ihanga* rya Yehova+. Ni nk’aho bambwiye bati: “Genda usenge* izindi mana!” 20 Ndagusavye simpfire* kure ya Yehova. Mwami wa Isirayeli, kubera iki uje guhiga imbaragasa imwe rudende+ nk’uwuhiga inkware ku misozi?»

21 Sawuli amwishura ati: «Nacumuye+. Garuka mwananje Dawidi, sinzosubira kukugirira nabi kubera ko uyu musi werekanye ko uha agaciro ubuzima bwanje+. Nakoze ivy’ubupfu, nkora ikosa rikomeye.» 22 Dawidi asubizayo ati: «Ng’iri icumu ryawe mwami. Umwe mu misore yawe naze aritore. 23 Yehova ni we azohemba umuntu w’umugororotsi+ kandi w’umwizigirwa. Yehova yakumpaye uyu musi, ariko nanka kugirira nabi uwo Yehova yarobanuje amavuta+. 24 Uyu musi nahaye agaciro ubuzima bwawe. Yehova na we nyene azohe agaciro ubuzima bwanje, andokore mu marushwa yose+.» 25 Sawuli yishura Dawidi ati: «Uragahezagirwa mwananje Dawidi. Ni ukuri uzokora ibintu bikomeye kandi uzororanirwa muri vyose+.» Dawidi aca arigira, Sawuli na we asubira iwe+.

27 Ariko Dawidi yibwira ati: «Umusi umwe Sawuli azonyica. Vyiza nohungira+ mu gihugu c’Abafilisitiya. Sawuli azoca areka kumpiga mu karere ka Isirayeli kose+, mbe ndamucitse.» 2 Nuko Dawidi n’abagabo 600+ bari kumwe na we baja kwa Akishi+ mwene Mawoki. Akishi yari umwami w’i Gati. 3 Dawidi n’abantu biwe baraheza babana na Akishi i Gati. Umwe wese yari kumwe n’abo mu rugo rwiwe. Dawidi yari kumwe n’abagore biwe babiri, ari bo Ahinowamu+ w’i Yezireli na Abigayili+ w’i Karumeli asigwa na Nabali. 4 Sawuli amaze kwumva ko Dawidi yahungiye i Gati, ntiyaba agisubira kumuhiga+.

5 Maze Dawidi abwira Akishi ati: «Ubishimye, nyemerera nje kuba muri kimwe mu bisagara vyo mu gihugu hagati. Ntibikenewe ko jewe umusuku wawe mbana nawe mu gisagara cawe mwami.» 6 Kuri uwo musi Akishi amuha igisagara ca Sikulagi+. Ni co gituma ico gisagara cegukira abami b’Ubuyuda gushika n’uyu musi.

7 Dawidi yamaze umwaka n’amezi ane aba mu gihugu hagati mu karere k’Abafilisitiya+. 8 Dawidi yarajana n’abantu biwe gutera Abageshuri+, Abagiruzi n’Abamaleki+. Akarere abo bantu babamwo kava i Telamu kagashika i Shura+, kakamanuka gushika ku mupaka w’igihugu ca Misiri. 9 Dawidi ateye ahantu, nta mugabo canke umugore yasigaza+. Ariko yaratwara intama, inka, indogobwa, ingamiya n’impuzu, agaca asubira kwa Akishi. 10 Akishi yaca amubaza ati: «Mwateye hehe uno musi?» Dawidi akamwishura ngo: «Mu bumanuko* bw’Ubuyuda+» canke ngo «mu bumanuko bw’akarere k’Abayerameyeli+», canke ngo «mu bumanuko bw’akarere k’Abakeni+.» 11 Nta mugabo canke umugore Dawidi yasigaza ngo amuzane i Gati, kugira ntahave avuga ivyabaye ngo: «Dawidi yagize uku n’uku.» (Ukwo ni ko yakora igihe cose yamaze aba mu gihugu hagati mu karere k’Abafilisitiya.) 12 Akishi yaremera ivyo Dawidi amubariye, akibwira ati: «Ko Abisirayeli b’iwabo basigaye bamwanka urunuka, azokwama ankorera.»

28 Muri iyo misi Abafilisitiya bakoranya ingabo ngo baje gutera Abisirayeli+. Akishi aca abwira Dawidi ati: «Urazi neza yuko wewe n’abantu bawe tuzojana ku rugamba+.» 2 Dawidi yishura Akishi ati: «Ntuzi none ko ndi umusavyi wawe? Urazi neza ico nzokora.» Akishi aca abwira Dawidi ati: «Ni co gituma ari wewe uzokwama urinda ubuzima bwanje*+.»

3 Samweli yari yarapfuye maze Abisirayeli bose baramuririra, bamuhamba i Rama ca gisagara yabamwo+. Nayo Sawuli yari yaratujije mu gihugu abakora ivyo guhanuza abapfuye* na ba rumenyi+.

4 Nuko Abafilisitiya bakoranira hamwe, baja gukambika i Shunemu+. Sawuli na we akoranya ingabo zose za Isirayeli bakambika i Gilibowa+. 5 Sawuli ngo abone ikambi y’Abafilisitiya, aratinya, umutima umuvamwo+. 6 Naho Sawuli yahanuza Yehova+, Yehova ntiyigera amwishura, vyaba biciye mu ndoto canke kuri Urimu*+ canke ku bahanuzi. 7 Amaherezo Sawuli abwira abasuku biwe ati: «Nimundonderere umugore akora ivyo guhanuza abapfuye+, nje kumusiguza.» Abasuku biwe bamwishura bati: «Urazi? Hari umugore abikora i Eni-Dori+.»

8 Sawuli aca yambara izindi mpuzu kugira yiyoberanye maze atora abagabo babiri aja kuraba uwo mugore mw’ijoro. Sawuli amubwira ati: «Ndagusavye ukoreshe ububasha bwawe bwo guhanuza abapfuye+ umenyeshe ibizoba, umpamagarire uwo nkubwira.» 9 Ariko nya mugore amubwira ati: «Ntuzi ko Sawuli yatujije mu gihugu abakora ivyo guhanuza abapfuye na ba rumenyi+? Kubera iki none ushaka kuntega umutego? Ushaka kunyicisha+?» 10 Sawuli aca amurahira Yehova ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, nta caha uzokwagirizwa muri ivyo.» 11 Uwo mugore aca avuga ati: «Ndaguhamagarire nde?» Na we ati: «Mpamagarira Samweli.» 12 Nya mugore abonye «Samweli*+», akoma induru nyinshi abwira Sawuli ati: «Kubera iki wampenze? Uri Sawuli!» 13 Umwami amubwira ati: «Ntutinye. None ubonye iki?» Uwo mugore amwishura ati: «Mbonye ikintu kimeze nk’imana kiduga kiva mu kuzimu.» 14 Sawuli aca amubaza ati: «Gisa gute?» Na we ati: «Mbona hariko haduga umutama yambaye impuzu itagira amaboko+.» Sawuli aca amenya yuko ari «Samweli» maze aramwunamira, mu maso hiwe hashika hasi.

15 Nuko «Samweli» abwira Sawuli ati: «Kubera iki umbuza amahoro? Umpamagariye iki?» Sawuli amwishura ati: «Ndakomerewe. Abafilisitiya banteye kandi Imana yarampevye ntikinyishura, vyaba biciye ku bahanuzi canke mu ndoto+. Ni co gituma ndaguhamagaye ngo umbwire ico nokora+.»

16 «Samweli» na we ati: «Umbariza iki none kandi Yehova yaraguhevye+, akaba asigaye akurwanya? 17 Yehova azokora ivyo yavuze biciye kuri jewe: Yehova azokwaka ubwami abuhe uwundi muntu, ni ukuvuga Dawidi+. 18 Ko utagamburukiye Yehova ngo uhonye Abamaleki+ bari bamuteye ishavu rikaze, ni co gituma Yehova akugiriye ivyo uyu musi. 19 Kandi wewe n’Abisirayeli, Yehova azoreka mutsindwe n’Abafilisitiya+. Ejo wewe+ n’abahungu bawe+ muzoba muri kumwe nanje kandi Yehova azoreka ingabo z’Abisirayeli zitsindwe n’Abafilisitiya+.»

20 Sawuli aca agwa hasi arambaraye. Agira ubwoba bwinshi kubera ivyo «Samweli» amubwiye. Nta nguvu yari agifise kubera yari yaburaye yongera arabwirirwa. 21 Uwo mugore yegera Sawuli, abona ko yataye umutwe. Nuko amubwira ati: «Jewe umusavyi wawe nakwumviye, nshira ubuzima bwanje mu kaga*+, nkora ivyo wansavye. 22 Ndagusavye rero nanje unyumvirize. Reka nguhe utwo ufungura kugira ugarure agatege, uheze ufate urugendo.» 23 Mugabo aranka, avuga ati: «Sindya.» Ariko abasuku biwe na nya mugore baguma bamwinginga, arateba arabumvira. Ava hasi yicara ku buriri. 24 Uwo mugore yari afise muhira iwe inyana ivyibushe. Aca arayikerera* ningoga maze afata n’ifu akora igikandu, agikoramwo imikate itarimwo umwambiro. 25 Araheza abizimana Sawuli n’abasuku biwe, bararya. Bahejeje baca barahaguruka baragenda muri iryo joro+.

29 Abafilisitiya+ bakoraniriza ingabo zabo zose i Afeki. Abisirayeli na bo bari bakambitse hafi y’iriba ry’i Yezireli+. 2 Abatware b’Abafilisitiya bagenda bari kumwe n’imigwi y’abasoda 100 canke 1.000. Dawidi n’abantu biwe bagendera inyuma yabo, bari kumwe na Akishi+. 3 Ariko abakuru b’Abafilisitiya bavuga bati: «Aba Baheburayo bazanywe n’iki?» Akishi aca abishura ati: «Uyu ni Dawidi umusuku wa Sawuli umwami wa Isirayeli. Tumaranye umwaka urenga+. Nta kosa nigeze ndamubonako kuva umusi yomoka akaza iwanje gushika n’ubu.» 4 Mugabo abakuru b’Abafilisitiya baramushavurira, bamubwira bati: «Uwo mugabo musubize inyuma+, asubire mu gisagara wamuhaye. Ntajane natwe mu rugamba kugira ntahave aduhindukirira+. Wibaza ko hamwe yoba agomba gusubira gushimwa n’umwami wiwe, atomushira imitwe y’abasoda bacu? 5 Mbega uyo si Dawidi wa wundi bahayagiza mu kuririmba batamba ngo:

“Sawuli yishe abansi ibihumbi,

Dawidi na we ibihumbi mirongo+”?»

6 Nuko Akishi+ ahamagara Dawidi amubwira ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima yuko uri umuntu w’intungane. Vyari bimpimbaye kubona ujanye n’ingabo zanje ku rugamba+ kuko ata kosa nigeze ndakubonako, kuva umusi waza iwanje gushika n’ubu+. Mugabo abandi batware ntibakwizigira+. 7 Niwisubirire inyuma amahoro kandi ntihagire ikintu na kimwe ukora cobabaza abatware b’Abafilisitiya.» 8 Ariko Dawidi abwira Akishi ati: «Nakoze iki? Hari ikosa urambonako kuva nza iwawe? Kubera iki none tutojana ga mwami wanje, ngo ndwanye abansi bawe?» 9 Akishi yishura Dawidi ati: «Jewe wambereye umuntu mwiza, nk’umumarayika w’Imana+. Mugabo abakuru b’Abafilisitiya bavuze ngo ntujane natwe ku rugamba. 10 Rero uze uvyuke kare mu gitondo n’abantu bawe* mwazananye, mugende bugica.»

11 Dawidi n’abantu biwe bazinduka kare mu gitondo, basubira mu gihugu c’Abafilisitiya. Abafilisitiya na bo baduga i Yezireli+.

30 Ku musi ugira gatatu, Dawidi n’abantu biwe bashika i Sikulagi+. Abamaleki+ bari bagavye igitero mu bumanuko* no mu gisagara ca Sikulagi, basiga bagituriye. 2 Bagiye batwaye abagore+ n’abandi bose babayo, kuva ku muto gushika ku wukuze, babagira imbohe. Nta n’umwe bishe, ariko bagiye babatwaye. 3 Dawidi n’abantu biwe bashitse mu gisagara, basanga caturijwe umuriro. Abagore babo n’abahungu babo n’abakobwa babo, bari batwawe ari imbohe. 4 Maze Dawidi n’abantu bari kumwe na we bararira baraboroga, gushika aho bataba bagishobora kurira. 5 Abagore babiri ba Dawidi na bo nyene bari bajanywe, ni ukuvuga Ahinowamu w’i Yezireli na Abigayili asigwa na Nabali w’i Karumeli+. 6 Dawidi aratuntura cane kubera ko abantu bariko bavuga ko akwiye guterwa amabuye. Abantu bose bari bashavuye cane kubera ko abahungu babo n’abakobwa babo bari bajanywe. Mugabo Dawidi yitura Yehova Imana yiwe, aronka inkomezi+.

7 Dawidi aca abwira umuherezi Abiyatari+ mwene Ahimeleki ati: «Ndagusavye uzane efodi+.» Nuko Abiyatari arayimuzanira. 8 Dawidi abaza Yehova+ ati: «Nome inyuma abo bambuzi? Ndabahamvya?» Amwishura ati: «Genda ubome inyuma. Urabahamvya ata kabuza, ugaruze n’ivyo batwaye vyose+.»

9 Ubwo nyene Dawidi n’abagabo 600+ bari kumwe na we baca barahafata, baragenda gushika ku mwonga* wa Besori, maze bamwe muri bo basigara ng’aho. 10 Dawidi aguma yoma inyuma ba bambuzi ari kumwe n’abagabo 400, ariko abandi 200 basigara ku mwonga wa Besori, kuko bari barushe cane ku buryo bidakunda ko bajabuka+.

11 Abasoda bari kumwe na Dawidi babona umugabo umwe w’Umunyamisiri mu gahinga, baramumuzanira. Bamuha ivyo kurya n’amazi yo kunywa. 12 Bamuha n’agakate gakozwe mu nsukoni zumye babumbabumvye n’utundi tubiri dukozwe mu nzabibu zumye. Maze ararya arahembuka kuko yari amaze imisi itatu n’amajoro atatu ata co arya ata n’ico anywa. 13 Dawidi aca amubaza ati: «Uri uwo kwa nde? Uva he?» Amwishura ati: «Ndi Umunyamisiri, nkaba ndi umushumba w’umugabo umwe w’Umumaleki. Mugabo databuja yarantaye kuko maze imisi itatu ndwaye. 14 Twaragavye igitero mu bumanuko* bw’akarere k’Abakereti+ no mu Buyuda no mu bumanuko* bw’akarere k’abakomoka kuri Kalebu+. Twaraturiye n’igisagara ca Sikulagi.» 15 Dawidi aca amubwira ati: «Ubona wonjana aho abo bambuzi bari?» Na we ati: «Ndakujanayo niwandahira Imana ko utanyica be n’uko utanshikana kuri databuja.»

16 Nuko aca amujanayo. Abo bambuzi bari bagandagaje irya n’ino, bariko bararya, banywa bongera bigina ibintu vyinshi basahuye mu gihugu c’Abafilisitiya no mu Buyuda. 17 Maze Dawidi ahera mu mutwenzi abica gushika bugorovye. Nta n’umwe muri bo yarokotse+ kiretse abagabo 400 buriye ingamiya bagahunga. 18 Dawidi agaruza ivyo Abamaleki bari batwaye vyose+, abohoza n’abagore biwe babiri. 19 Nta kintu na kimwe ca Dawidi n’abantu biwe cari kibuze, caba gitoyi canke kinini. Baragaruje abahungu babo n’abakobwa babo n’ivyo abambuzi bari basahuye+. Ikintu cose bari batwaye, Dawidi yarakigaruje. 20 Dawidi atwara amasho yose y’abo bambuzi, maze abantu biwe bagenda bayashoreye imbere y’ibitungwa vyabo bari bagaruje. Bavuga bati: «Iri ni isahu rya Dawidi.»

21 Hanyuma Dawidi ashika kuri ba bagabo 200 bari barushe bikanka ko bajana na we, bagasigara hakurya y’umwonga wa Besori+. Babonye Dawidi n’abari kumwe na we, baza kubasanganira. Dawidi abashikiriye, ababaza uko bamerewe. 22 Ariko mu bari bajanye na Dawidi, harimwo abagabo b’umutima mubi kandi b’imburakimazi. Bavuga bati: «Ko batajanye natwe, nta na kimwe tubaha ku vyo twasahuye. Umwe wese atora gusa umugore wiwe n’abana biwe, ace agenda.» 23 Mugabo Dawidi ababwira ati: «Ntimugire gutyo benewacu, kuko ibi bintu ari Yehova yabiduhaye. Ni we yadukingiye yongera adufasha gutsinda abambuzi bari baduteye+. 24 Ivyo muvuga ntibishoboka. Uwagiye ku rugamba n’uwasigaranye imizigo baronka ibingana+. Nta mwana n’ikinono+.» 25 Kuva kuri uwo musi ashinga ko ari ukwo bikwiye kwama bigenda. Biba itegeko muri Isirayeli gushika n’uyu musi.

26 Dawidi agarutse i Sikulagi, aca atora ku vyo basahuye, abirungikira abashingantahe bo mu Buyuda b’abagenzi biwe. Ababwira ati: «Nimwakire ingabire* ivuye ku vyo twasahuye abansi ba Yehova.» 27 Abirungikira ab’i Beteli+, ab’i Ramoti mu karere ka Negebu*, ab’i Yatiri+, 28 ab’i Aroweri, ab’i Sifumoti, ab’i Eshitemowa+, 29 ab’i Rakali, abo mu bisagara vy’Abayerameyeli+, abo mu bisagara vy’Abakeni+, 30 ab’i Horuma+, ab’i Borashani, ab’i Ataki, 31 ab’i Heburoni+, n’ahandi hose Dawidi n’abantu biwe baciye.

31 Abafilisitiya barwana n’Abisirayeli+. Abasoda ba Isirayeli bahunga Abafilisitiya kandi benshi muri bo bicirwa ku musozi Gilibowa+. 2 Abafilisitiya baguma basatira Sawuli n’abahungu biwe gushika aho bica abo bahungu ba Sawuli, ari bo Yonatani+, Abinadabu na Malikishuwa+. 3 Urugamba rurakomera, Abafilisitiya basugereza cane Sawuli. Abarasisha umuheto baramubona, baramurasa arakomereka cane+. 4 Sawuli aca abwira uwumutwaza ibirwanisho ati: «Sokora inkota yawe uyinsogote, kugira ngo abo bagabo batagenyerewe*+ ntibaze ngo bansogote, bakanyica rubi*.» Mugabo uwumutwaza ibirwanisho aranka kuko yari afise ubwoba bwinshi. Nuko Sawuli afata inkota, ayitako+. 5 Uwumutwaza ibirwanisho abonye ko Sawuli apfuye+, na we nyene aca afata inkota yiwe ayitako, apfana na we. 6 Gutyo Sawuli, abahungu biwe batatu, uwumutwaza ibirwanisho n’abantu biwe bose*, bapfira hamwe kuri uwo musi+. 7 Abisirayeli baba mu kiyaya n’ababa mu karere ka Yorodani, babonye yuko ingabo za Isirayeli zahunze be n’uko Sawuli n’abahungu biwe bapfuye, baca bata ibisagara vyabo barahunga+. Abafilisitiya baraza babibamwo.

8 Bukeye, Abafilisitiya baza gusahura ibintu vy’abo bishe, maze bubuka ku biziga vya Sawuli n’abahungu biwe batatu ku musozi Gilibowa+. 9 Sawuli bamuca umutwe, bamwambura n’ibirwanisho vyiwe. Baca barungika intumwa mu gihugu cose c’Abafilisitiya kugira babimenyekanishe+ mu nsengero* z’ibigirwamana vyabo+ no mu bantu. 10 Bashira ibirwanisho vyiwe mu rusengero* rurimwo ibishusho vya Ashitoreti, ikiziga ciwe na co bakimanika ku ruzitiro rw’i Beti-Shani+. 11 Ab’i Yabeshi-Gileyadi+ bumvise ivyo Abafilisitiya bagiriye Sawuli, 12 abarwanyi bose baca barahaguruka bagenda ijoro ryose maze bakura ikiziga ca Sawuli n’ibiziga vy’abahungu biwe ku ruzitiro rw’i Beti-Shani. Baraheza basubira i Yabeshi, babituririrayo. 13 Maze bafata amagufa yabo+, bayahamba i Yabeshi+ munsi y’igiti c’umwesheri, baraheza bamara imisi indwi bisonzesheje.

Canke «w’i Rama, akomoka kuri Zufi.»

Canke «kwunamira.»

Mu giheburayo havuga ngo «ariko Yehova yari yarugaye igitereko ciwe.»

Canke «kubera iki umerewe nabi ku mutima?»

Ni ukuvuga rya hema ryeranda.

Mu giheburayo havuga ngo «umuvinyu wawe.»

Canke «atuntuye ku mutima.»

Mu giheburayo havuga ngo «ndiko nsuka umutima wanje imbere ya Yehova.»

Mu giheburayo havuga ngo «yibuka.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «igihe kigeze.»

Iryo zina risobanura ngo «izina ry’Imana.»

Ni nk’amalitiro 22. Raba Inyongera ya B14.

Mu giheburayo havuga ngo «ndamutije.»

Biboneka ko ari Elikana.

Mu giheburayo havuga ngo «ihembe ryanje rishizwe hejuru biciye kuri Yehova.» Raba Insiguro y’amajambo (Ihembe).

Canke «abatsitagurika.»

Mu giheburayo havuga ngo «baronke umukate.»

Mu giheburayo havuga ngo «yakabiranye.»

Canke «gutanga ubuzima.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «mu kirundo c’umwavu.»

Canke «isi yimbuka.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «abanyinyana na Yehova bazotekerwa n’ubwoba.»

Mu giheburayo havuga ngo «ashire hejuru ihembe.» Raba Insiguro y’amajambo (Ihembe).

Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).

Canke «ukuboko.»

Canke «izo umutima wawe uhahamiye.»

Mu giheburayo havuga ngo «akenyeye.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Mu giheburayo havuga ngo «mwatije.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «Imana yobijamwo ikamubera umucamanza.»

Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»

Mu giheburayo havuga ngo «b’inzu ya Farawo.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «atume umwotsi w’ibimazi uduga.»

Mu giheburayo havuga ngo «mutera umugere.»

Mu giheburayo havuga ngo «yogendeye imbere yanje.»

Mu giheburayo havuga ngo «nzobaca ukuboko.»

Canke «atume ugwabira.»

Canke «ibiri mu mutima wanje.»

Mu giheburayo havuga ngo «kandi nzomwubakira inzu izokwamaho.»

Mu giheburayo havuga ngo «azokwama agendera imbere.»

Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»

Ni ukuvuga rya hema ryeranda.

Mu giheburayo havuga ngo «azokwumva iminzerere mu matwi.»

Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»

Mu giheburayo havuga ngo «bavuma.»

Mu giheburayo havuga ngo «nta na kimwe cakorokera hasi.»

Mu giheburayo havuga ngo «kubera iki Yehova yadutsinze uyu musi imbere y’Abafilisitiya?»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «hagati.»

Babigira kugira berekane intuntu nyinshi.

Canke «ntiyabishirako umutima.»

Iryo zina risobanura ngo «ubuninahazwa buri he?»

Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»

Mu giheburayo havuga ngo «Dagoni ni yo yonyene.»

Ivyo bivyimba vyari ivyo mu kibuno.

Ivyo bivyimba vyari ivyo mu kibuno.

Mu giheburayo havuga ngo «abantu 70, abantu 50.000.»

Canke «kuririra.»

Iryo zina risobanura ngo «ibuye ry’ugutabarwa.»

Mu giheburayo havuga ngo «ico kintu kiba kibi mu maso ya Samweli.»

Canke «bagakorera.»

Canke «amavuta amota (amaparufe).»

Imyelayo bayita kandi olive.

Mu giheburayo havuga ngo «indogobwa z’ingore.»

Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.

Mu giheburayo havuga ngo «uwubona.»

Mu giheburayo havuga ngo «uwubona.»

Mu giheburayo havuga ngo «yari yapfukuye ugutwi kwa Samweli.»

Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).

Canke «ni we azotuma abantu banje batarenga akarimbi.»

Mu giheburayo havuga ngo «uwubona.»

Mu giheburayo havuga ngo «ibiri mu mutima wawe vyose.»

Amazu menshi yari afise igisenge gishashe. Bahakorera ibikorwa bitandukanye.

Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).

Mu giheburayo havuga ngo «y’intoranwa yiwe.»

Biboneka ko ari Sawuli n’umusuku wiwe.

Canke «uyu mugani.»

Mu giheburayo havuga ngo «amera nka nyamuragi.»

Mu giheburayo havuga ngo «i Gibeya ha Sawuli.»

Mu giheburayo havuga ngo «nk’umuntu umwe.»

Mu giheburayo havuga ngo «izuba rikaze.»

Ni ukuvuga nk’isaha 8 z’ijoro gushika 12 z’agatondo.

Canke «ku murango izuba rikaze.»

Mu giheburayo havuga ngo «narumvirije ijwi ryanyu ku vyerekeye.»

Mu giheburayo havuga ngo «agendera imbere yanyu.»

Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).

Canke «amahera y’igipfukamunwa.»

Mu giheburayo havuga ngo «musanze mu kuboko kwanje.»

Canke «ku bikorwa bigororotse.»

Mu giheburayo havuga ngo «arabagurisha mu kuboko kwa Sisera.»

Mu giheburayo havuga ngo «dukorera.»

Mu giheburayo havuga ngo «ubusa», «ibintu bitabaho.»

Mu giheburayo havuga ngo «ari ubusa», «ari ibintu bitabaho.»

Canke «mu kuri.»

Igitigiri c’iyo myaka nta kirimwo mu gisomwa c’igiheburayo.

Mu giheburayo havuga ngo «amuhezagire.»

Canke «ntaratakambira Yehova.»

Canke «amasuka arimishwa n’inka.»

Canke «amapiki.»

Ni ingero ya kera yapima amagarama 7,8 y’ifeza. Raba Inyongera ya B14.

Umuhunda ni inkoni yari ikwikiyeko icuma gisongoye. Bayikoresha mu kuyobora inka ziriko zirarima.

Kugenyera hari abavyita «gusiramura» canke «gukebwa.» Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).

Ni ahantu impfizi zibiri zashobora kurima ku musi umwe.

Mu giheburayo havuga ngo «uwo musi.»

Mu giheburayo havuga ngo «kurayo ukuboko kwawe.»

Mu giheburayo havuga ngo «aza kurya umukate.»

Mu giheburayo havuga ngo «igihugu cose.»

Mu giheburayo havuga ngo «amaso yiwe aca arakayangana.»

Canke «yakwegeye abantu ingorane.»

Raba Insiguro y’amajambo (Urimu na Tumimu).

Canke «ubukiriro.»

Mu giheburayo havuga ngo «yuko ata gashatsi na kamwe ko ku mutwe wiwe gakorokera hasi.»

Mu giheburayo havuga ngo «bacungura.»

Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).

Canke «ugirira impuhwe.»

Canke «umwonga.»

Canke «mwareretse Abisirayeli urukundo rudahemuka (rudahera).»

Canke «bagirira impuhwe.»

Canke «birambabaje.»

Canke «baragiriye impuhwe.»

Mu giheburayo havuga ngo «umutwe.»

Canke «gutega yompi.»

Mu giheburayo havuga ngo «ibishusho vya terafimu.» Raba Insiguro y’amajambo (Terafimu).

Canke «iratabuka.»

Canke «yicuze.»

Canke «yicuze.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «umutima udasimba.»

Mu giheburayo havuga ngo «umururazi w’urupfu wagiye.»

Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).

Mu giheburayo havuga ngo «nimwiyeze.»

Mu giheburayo havuga ngo «impwemu mbi ivuye kuri Yehova yaramutera ubwoba.»

Mu giheburayo havuga ngo «amakambi.»

Mu giheburayo havuga ngo «n’intambwe zitandatu z’ukuboko uciriye mu nkokora be n’intambwe imwe y’ikiganza.» Raba Inyongera ya B14.

Ni nk’ibilo 57. Raba Inyongera ya B14.

Ni nk’ibilo 6,84. Raba Inyongera ya B14.

Canke «ncokoye», «mpigishije.»

Mu giheburayo havuga ngo «iyi ngero ya efa y’intete.» Ni nk’amalitiro 22. Raba Inyongera ya B14.

Mu giheburayo havuga ngo «izi ngero cumi z’amata.»

Canke «umukuru w’abasoda 1.000.»

Canke «gucokora», «guhigisha.»

Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).

Canke «acokora», «ahigisha.»

Mu giheburayo, iryo jambo ahanini risobanura ahantu h’agahinga hari imihana iri kure na kure.

Canke «acika intege.»

Canke «umurwanyi.»

Canke «ku rusakanwa.» Mu giheburayo havuga ngo «ku vyanwa.»

Canke «yacokoye», «yahigishije.»

Canke «mu mwonga.»

Mu giheburayo havuga ngo «mw’izina rya Yehova.»

Canke «wacokoye», «wahigishije.»

Mu giheburayo havuga ngo «iri shengero ryose.»

Urwubati ni ikintu barokezamwo inkota mu kuyibika.

Canke «ndakurahiye mwami.»

Canke «umutima wa Yonatani ufatana n’uwa Dawidi.»

Canke «yakorana ubukerebutsi», «yakorana ubwenge.»

Canke «kwigenza nk’umuhanuzi.»

Mu giheburayo havuga ngo «yarasohoka akinjira ari imbere y’abantu.»

Canke «yabikorana ubukerebutsi», «yabikorana ubwenge.»

Biboneka ko ari hamwe hitwa Abeli-Mehola.

Canke «turunga ubucuti biciye ku bugeni.»

Raba akajambo k’epfo muri 1Sm 18:21.

Raba akajambo k’epfo muri 1Sm 18:21.

Ni udushato tw’ibihimba vy’irondoka vy’abagabo.

Raba akajambo k’epfo muri 1Sm 18:21.

Raba akajambo k’epfo muri 1Sm 18:21.

Canke «yakorana ubukerebutsi», «yakorana ubwenge.»

Mu giheburayo havuga ngo «igicumuro.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu kiganza ciwe.»

Canke «ubukiriro.»

Mu giheburayo havuga ngo «impwemu mbi ivuye kuri Yehova iza kuri Sawuli.»

Mu giheburayo ni «terafimu.» Raba Insiguro y’amajambo (Terafimu).

Mu giheburayo ni «terafimu.» Raba Insiguro y’amajambo (Terafimu).

Canke «ari nk’aho ari gusa.»

Mu giheburayo havuga ngo «ku musi ugira gatatu.»

Canke «unyereke urukundo rudahemuka (rudahera).»

Canke «uzonyereke urukundo rudahemuka (rudahera).»

Canke «kugaragariza urukundo rudahemuka (rudahera).»

Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»

Mu giheburayo havuga ngo «ku musi ugira gatatu.»

Mu giheburayo havuga ngo «wa musi w’ibikorwa.»

Mu giheburayo havuga ngo «umaramaza n’ubwambure bwa nyoko.»

Mu giheburayo havuga ngo «kuko ari umwana w’urupfu.»

Mu giheburayo havuga ngo «ku musi ugira kabiri kuva ukwezi kubonetse.»

Mu giheburayo havuga ngo «barasomana.» Gusomana bwari uburyo bwo kwerekana ubugenzi.

Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»

Canke «baririnze kurangura amabanga y’abubatse.»

Uwo musuku ashobora kuba yari yagize indagano canke afise ubuhumane kanaka canke ibimenyetso vy’imibembe.

Mu giheburayo havuga ngo «mu kuboko kwabo.»

Canke «abatuntuye ku mutima.»

Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»

Mu giheburayo havuga ngo «abirutsi.»

Mu giheburayo havuga ngo «abagabo bambaye efodi.»

Ni ibibanza vyari mu mirima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.

Mu giheburayo havuga ngo «imugurishije mu kuboko kwanje.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «bene amatongo.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «yaratinya kubera.»

Mu giheburayo havuga ngo «akomeza ukuboko kwiwe muri Yehova.»

Mu giheburayo havuga ngo «ku ruhande rw’iburyo.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ubugaragwa.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu bihumbi», ni ukuvuga imigwi y’abantu 1.000.

Mu giheburayo havuga ngo «gupfuka ibirenge vyiwe.»

Canke «ijwi ryo mu mutima.»

Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ashwiragiza.»

Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»

Ni igisagara co mu Buyuda. Kiratandukanye na wa musozi Karumeli.

Canke «uroranirwe.»

Mu giheburayo havuga ngo «ku musi mwiza.»

Mu giheburayo havuga ngo «ingero za seya.» Seya imwe yaja mu kintu c’amalitiro 7,33. Raba Inyongera ya B14.

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ihane Dawidi.»

Mu giheburayo havuga ngo «uwo wese yihagarika ku ruhome.» Iyo ni imvugo y’igiheburayo y’akagaye bakoresha bashaka kuvuga abantu b’igitsina-gabo.

Iryo zina risobanura ngo «imburabwenge», «ikijuju.»

Canke «kwironderera ubukiriro.»

Mu giheburayo havuga ngo «uyu muhezagiro.»

Canke «nk’aho buvuye mu kanogo k’umugozi bateresha amabuye.»

Canke «ntuzohungabana mu mutima canke ngo utsitare mu mutima.»

Canke «wironderere ubukiriro.»

Canke «kwironderera ubukiriro.»

Mu giheburayo havuga ngo «uwo wese yihagarika ku ruhome.» Iyo ni imvugo y’igiheburayo y’akagaye bakoresha bashaka kuvuga abantu b’igitsina-gabo.

Mu giheburayo havuga ngo «umutima wa Nabali.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ubugaragwa.»

Canke «abatasi.»

Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).

Mu giheburayo havuga ngo «amoterwe.»

Mu giheburayo havuga ngo «intoranwa.» Ishobora gusobanura umugwi w’abantu hamwe n’igihugu batoranye.

Canke «ukorere.»

Canke «ntureke ngo amaraso yanje asesekere hasi.»

Canke «muri Negebu.»

Mu giheburayo havuga ngo «urinda umutwe wanje imisi yose.»

Raba Insiguro y’amajambo (Uwuhanuza abapfuye).

Raba Insiguro y’amajambo (Urimu na Tumimu).

Canke «ikintu gisa na Samweli.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu kiganza canje.»

Canke «ayitanga nk’ikimazi.»

Canke «abasuku b’umwami wawe.»

Canke «muri Negebu.» Ni mu bumanuko bw’Ubuyuda.

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «muri Negebu.»

Canke «muri Negebu.»

Mu giheburayo havuga ngo «umuhezagiro.»

Canke «mu bumanuko.»

Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).

Canke «urw’agashinyaguro.»

Bashobora kuba ari abarinda Sawuli.

Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu.»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika