ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • nwt Rusi 1:1-4:22
  • Rusi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Rusi
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Rusi

RUSI

1 Mu gihe c’abacamanza*+, inzara yarateye mu gihugu. Nuko umugabo umwe ava i Betelehemu+ mu Buyuda yimukira mu karere* ka Mowabu+, ari kumwe n’umugore wiwe n’abahungu biwe babiri. 2 Uwo mugabo yitwa Elimeleki*, umugore wiwe akitwa Nawomi*. Abahungu biwe babiri na bo bitwa Mahiloni* na Kiliyoni*. Bari Abanyefurata b’i Betelehemu mu Buyuda. Nuko bashika mu karere ka Mowabu maze bagumayo.

3 Haciye igihe, Elimeleki umugabo wa Nawomi yarapfuye, maze Nawomi asigarana n’abahungu biwe babiri. 4 Abo bahungu bahavuye bubakana n’abagore b’Abanyamowabukazi. Umwe yitwa Orupa, uwundi akitwa Rusi+. Bamazeyo nk’imyaka cumi. 5 Mu nyuma, abo bahungu babiri Mahiloni na Kiliyoni na bo nyene barapfuye, Nawomi aba abuze abana biwe babiri n’umugabo wiwe. 6 Yaciye rero afata ingingo yo kuva i Mowabu kugira asubire iwabo ari kumwe n’abakazana biwe, kuko yari yarumvise ko Yehova yitwararitse abantu biwe mu kubaronsa ibifungurwa*.

7 Nuko ava aho hantu yari amaze igihe aba, ajana n’abakazana biwe babiri. Maze bari mu nzira basubira mu gihugu c’Ubuyuda, 8 Nawomi abwira abakazana biwe babiri ati: «Nimugende, umwe wese yisubirire kwa nyina wiwe. Yehova abagirire ubuntu*+ nk’uko mwabugiriye abagabo banyu hamwe na jewe. 9 Ese Yehova yobafasha*, umwe wese akaronka umugabo kandi agatekanirwa mu rugo rwiwe*+!» Araheza arabasoma, baca bararira cane. 10 Na bo baguma bamubwira bati: «Oya, ahubwo turajana mu bantu b’iwanyu.» 11 Ariko Nawomi ababwira ati: «Subire inyuma, bakobwa banje. Kubera iki mushaka kujana nanje? Noba ngishobora kuvyara abahungu ngo baze bababere abagabo+? 12 Subire inyuma, bakobwa banje. Nimwigire, kuko nshaje cane ku buryo ntoba nkironka umugabo. Naho nari kuba niteze kuronka umugabo muri iri joro hanyuma nkavyara abahungu, 13 mbega mwobarindira gushika bakuze? Mworeka gusubira kurongorwa ngo ni bo murindiriye? Oya, bakobwa banje, ivyabashikiye birambabaje cane, kuko Yehova yandwanije*+.»

14 Baca bongera kurira cane, maze Orupa asoma inabukwe, araheza arigira. Ariko Rusi we yanka gutandukana na we. 15 Nuko Nawomi abwira Rusi ati: «Ehe mugenzawe asubiye mu b’iwabo no ku mana ziwe. Nimusubirane inyuma.»

16 Ariko Rusi amwishura ati: «Reka kunyinginga ngo ndaguhebe, ngo ndeke kujana nawe, kuko aho uzoja ari ho nzoja, kandi aho uzorara ni ho nzorara. Abantu bawe bazoba abantu banje, n’Imana yawe ibe Imana yanje+. 17 Aho uzopfira ni ho nzopfira, kandi ni ho nzohambwa. Yehova azobimpanire bimwe bikomeye, nihagira ikindi kintandukanya nawe atari urupfu.»

18 Nawomi abonye ko Rusi ashimitse ngo bajane, aca aramureka. 19 Nuko bose babandanya urugendo gushika i Betelehemu+. Bagishika i Betelehemu, igisagara cose gitangura kuvuganga ivyabo, abagore baho bakaguma babaza bati: «Urya ni Nawomi?» 20 Na we akababwira ati: «Ntimunyite Nawomi*. Nimunyite Mara*, kuko Mushoboravyose yatumye ubuzima bumbera umururazi+. 21 Nagiye mfise vyose, none Yehova angarukanye ngaragara. Kuki munyita Nawomi kandi Yehova ari we yandwanije, Mushoboravyose akaba ari we yanteje ivyago+?»

22 Ukwo ni ko Nawomi yagarutse avuye mu karere ka Mowabu+, ari kumwe na Rusi umukazana wiwe w’Umunyamowabukazi. Bashitse i Betelehemu iyimbura rya sayiri* ritanguye+.

2 Nawomi yari afise incuti yo mu muryango wa Elimeleki umugabo wiwe. Iyo ncuti yitwa Bowazi+ kandi yari itunze cane.

2 Rusi Umunyamowabukazi araheza abwira Nawomi ati: «Ndeka ngende mu mirima gutoragura*+ ivyo abimbuzi basiga inyuma, nkurikira uwo wese yongirira ubuntu.» Nuko Nawomi amwishura ati: «Genda, mukobwa wanje.» 3 Aca aragenda, atangura gukurikira abimbuzi, aza aratoragura ivyo basigaje mu murima. Yasanze ari mu murima wa Bowazi+ wo mu muryango wa Elimeleki+. 4 Ako kanya nyene Bowazi yaciye ashika avuye i Betelehemu maze abwira abimbuzi ati: «Yehova abane namwe!» Na bo bamwishura bati: «Yehova aguhezagire!»

5 Maze Bowazi abaza umukozi yari ajejwe abimbuzi ati: «Uyu mukobwa ni uwa he?» 6 Uwo mukozi amwishura ati: «Ni Umunyamowabukazi+ yagarukanye na Nawomi avuye mu karere ka Mowabu+. 7 Yambajije ati: “Wonkundira ngakurikira abimbuzi, nkagenda ndatoragura*+ amahundo* aciye basigaje?” Kandi yagumye akora kuva mu gitondo, ubu ni ho acicara mu gatutu kugira aruhuke gatoyi.»

8 Maze Bowazi abwira Rusi ati: «Umve mukobwa wanje. Ntihagire uwundi murima ujamwo, igumire ng’aha. Nugumane n’abakobwa bankorera+. 9 Ugume uraba aho baja kwimbura hose, maze ujane na bo. Nabujije abo bahungu ngo ntibagukoreko*. Niwanyoterwa, uraja kunywa ku mazi ari mu mibindi abo bahungu bavomye.»

10 Rusi aca arapfukama, arunama gushika hasi maze amubwira ati: «Ni igiki gitumye ungirira ubuntu, ukanyitwararika kandi ndi umunyamahangakazi+?» 11 Bowazi amwishura ati: «Baranyiganiye ido n’ido ivyiza vyose wakoreye nyokobukwe inyuma y’urupfu rw’umugabo wawe, n’ingene wasize so wawe na nyoko wawe n’igihugu cawe c’amavukiro ukaza mu bantu utari uzi+. 12 Yehova naguhezagire ku vyiza wakoze+. Yehova Imana ya Isirayeli naguhe impembo ikwiye kuko wahungiye munsi y’amababa yiwe+.» 13 Rusi aca avuga ati: «Unkoreye ivyiza vyinshi muvyeyi, kuko umpojeje ukongera ukampumuriza, kandi ntari no mu bakozi bawe.»

14 Hageze gufungura, Bowazi amubwira ati: «Ingo urye umukate, uze urakoza no mu muvinyu ukarishe.» Nuko yicara iruhande y’abimbuzi. Bowazi aca amuha n’intete zikaranze, ararya arahaga, no gusigara birasigara. 15 Rusi ahagurutse ngo asubire mu murima gutoragura+, Bowazi ategeka abahungu bamukorera ati: «Mumureke atoragure n’amahundo* mwagenye, kandi ntihagire ico mumugira+. 16 Mbere muze murasokora dukeya mu vyo muhejeje kugenya, mutumusigire inyuma kugira adutore, kandi ntimumubuze.»

17 Nuko Rusi abandanya gutoragura mu murima gushika ku mugoroba+. Araheza akubita sayiri yari yegeranije, havamwo nk’ingero imwe ya efa*. 18 Maze arazikorera asubira mu gisagara, yereka inabukwe izo yari yegeranije. Aca asokorora n’ibifungurwa vyari vyasigaye+ amaze kurya agahaga, arabimuha.

19 Inabukwe aca amubaza ati: «Uyu musi watoraguye hehe? Wakoreye hehe? Uwakugiriye neza aragahezagirwa+!» Rusi aca abwira inabukwe nyene umurima yakoreyemwo ati: «Uyu musi nakoreye mu murima wa Bowazi.» 20 Nawomi aca amubwira ati: «Aragahezagirwa na Yehova, we aguma agirira ubuntu abazima n’abapfuye+!» Nawomi yongerako ati: «Uwo mugabo ni incuti yacu+. Ni umwe mu bashobora kuducungura*+.» 21 Maze Rusi Umunyamowabukazi yongerako ati: «Yambwiye kandi ati: “Uragumana n’abakozi banje, gushika bahejeje kwimbura imirima yanje yose+.”» 22 Nawomi aca abwira Rusi umukazana wiwe ati: «Mukobwa wanje, ni vyiza ko ugumana n’abakobwa bamukorera, aho kuja mu wundi murima bagahava bagufata nabi.»

23 Nuko Rusi agumana n’abakobwa bakorera Bowazi, aguma atoragura mu mirima gushika iyimbura rya sayiri+ n’iry’ingano birangiye. Aguma yibanira na inabukwe+.

3 Nawomi inabukwe wa Rusi amubwira ati: «Mukobwa wanje, nkwiye kukuronderera umugabo*+ kugira bikugendere neza. 2 Bowazi ni incuti yacu+. Barya bakobwa mwamanye ni we bakorera. Ku mugoroba ahava agosora sayiri ku mbuga yo mu murima*. 3 Niwoge rero, wisige utuvuta tumota maze wambare neza*, uheze umanuke kuri irya mbuga. Ntumwiyereke ataraheza kurya no kunywa. 4 Niyaryama, uze kuraba aho aryamye, uheze ugende umupfukure ku birenge hanyuma uryame. Na we araza kukubwira ico ukwiye gukora.»

5 Rusi amwishura ati: «Ivyo umbwiye vyose ndabikora.» 6 Nuko amanuka kuri ya mbuga maze akora ivyo inabukwe yamubwiye vyose. 7 Ico gihe Bowazi yariko ararya, anywa, kandi yari anezerewe. Yahavuye aja kuryama iruhande y’ikirundo c’intete. Hanyuma Rusi arasoboka, amupfukura ku birenge araheza araryama. 8 Ijoro rigeze hagati, Bowazi atangura kujugumira. Nuko aricara, aca asanga hari umugore aryamye hafi y’ibirenge vyiwe. 9 Araheza avuga ati: «Wewe uri nde?» Na we ati: «Ndi Rusi umusavyi wawe. Nutabare umusavyi wawe* kuko uri umwe mu bashobora kuducungura+.» 10 Bowazi aca avuga ati: «Uragahezagirwa na Yehova, mukobwa wanje. Ubuntu* ugaragaje mu kudakurikira abasore, baba abatunze canke abakenye, buruta ubwo wagaragaje ubwa mbere+. 11 Ntutinye rero mukobwa wanje. Ivyo unsaba vyose ndabigukorera+, kuko abo mu gisagara bose bazi ko uri umugore ameze neza cane. 12 Ni ivy’ukuri yuko ndi umwe mu bashobora kubacungura+, ariko hariho incuti ya hafi kundusha yogucungura+. 13 Nugume ng’aha iri joro, maze mu gitondo niyashima kugucungura agucungure+, bizoba ari vyiza. Ariko natabishima, ndakurahiye Yehova Imana nzima ko nzoca ndagucungura. Niwiryamire ng’aha gushika mu gitondo.»

14 Rusi aca aguma aryamye hafi y’ibirenge vyiwe gushika mu bucagucagu, maze avyuka hatarabona neza ku buryo ata muntu yomenya uwundi. Nuko Bowazi avuga ati: «Ntihagire uwumenya ko hari umugore yaje hano ku mbuga.» 15 Yongerako ati: «Fata uwo mutamana wambaye, uwusanze.» Nuko arawusanza maze Bowazi asukamwo ingero zitandatu* za sayiri, aramukorera, hanyuma Bowazi yinjira mu gisagara.

16 Maze Rusi asubira kwa inabukwe, na we amubaza ati: «Vyagenze gute* ga mukobwa wanje?» Rusi amubwira ibintu vyose nya mugabo yamugiriye. 17 Yongerako ati: «Yampaye izi ngero zitandatu za sayiri, ambwira ati: “Ntiwosubira kwa nyokobukwe ata co utwaye.”» 18 Nawomi aca avuga ati: «Igumire aha mukobwa wanje, gushika umenye uko biza kugenda, kuko uwo mugabo aza kuruhuka atoreye umuti ico kibazo uno musi.»

4 Hanyuma Bowazi aduga kw’irembo ry’igisagara+, yicaraho. Haciye akanya, aza abona ya ncuti yari yavuze+ irarenganye. Bowazi aca avuga ati: «Yewe ntuze, ingo wicare hano.» Nuko aragenda, aricara. 2 Bowazi araheza atora cumi mu bashingantahe b’igisagara+, ababwira ati: «Nimwicare hano.» Nuko baricara.

3 Bowazi aca abwira iyo ncuti+ ati: «Umwe Nawomi yagaruka avuye mu karere ka Mowabu+, agira agurishe itongo rya mwenewacu Elimeleki+. 4 Niyumviriye rero kubikumenyesha nti: “Nurigurire imbere y’ababa muri iki gisagara n’abashingantahe baco+. Ukaba ushaka kuricungura, nuricungure. Ariko nimba utabishaka, nubimenyeshe, kuko ari wewe ufise uburenganzira bwo kuricungura, nanje nkaza inyuma yawe.”» Ya ncuti na yo iti: «Ndemeye kuricungura+.» 5 Maze Bowazi avuga ati: «Umusi uzogura iryo tongo na Nawomi, umenye kandi ko uzoba uriguze na Rusi Umunyamowabukazi, umugore w’umuhisi, kugira ngo izina ry’umuhisi rigume ku ntoranwa yiwe+.» 6 Ya ncuti ica ivuga iti: «Sinshoboye kuricungura, kuko nohava nonona intoranwa yanje. Ndaguhaye uburenganzira bwo kuricungura, jewe nta vyo nshoboye.»

7 Aho hambere muri Isirayeli, kugira bemeze amasezerano yose ajanye no gucungura canke gukaba ibintu, uku ni ko vyagenda: umuntu yarakura ikirato*+ ciwe akagiha uwundi. Ukwo ni ko bemeza amasezerano muri Isirayeli. 8 Iyo ncuti rero imaze kubwira Bowazi ngo «nuryigurire», ica ikura ikirato. 9 Bowazi aca abwira abashingantahe n’abari ng’aho bose ati: «Muri ivyabona+ uyu musi yuko nguze na Nawomi ivyari ivya Elimeleki na Kiliyoni na Mahiloni vyose. 10 Rusi Umunyamowabukazi, umugore wa Mahiloni, na we nyene ndamucuye kugira izina ry’umuhisi rigume ku ntoranwa yiwe+ no kugira ngo ntirizimangane mu b’iwabo no mu gisagara c’iwabo*. Muri ivyabona uyu musi+.»

11 Abari kw’irembo ry’igisagara bose n’abashingantahe baca bavuga bati: «Turi ivyabona. Yehova aragahezagira uwugiye kukubera umugore, amere nka Rasheli na Leya, abo ihanga* rya Isirayeli ryakomotseko+. Uzororanirwe muri Efurata+, wiheshe izina ryiza* muri Betelehemu+. 12 Biciye ku ruvyaro Yehova azoguha kuri uwo mugore+, urugo rwawe ruzomere nk’urwa Peresi+, uwo Tamari yavyariye Yuda.»

13 Bowazi araheza atwara Rusi, amubera umugore. Nuko aryamana na we, maze Yehova amuha gusama inda hanyuma avyara umuhungu. 14 Maze abagore baho babwira Nawomi bati: «Hashemezwe Yehova, we yakuronkeje uyu musi uwugucungura. Izina ry’uwu mwana nirimenyekane muri Isirayeli. 15 Uyu mwana asubije itoto ubuzima bwawe kandi azokubungabunga mu busaza bwawe, kuko umuvyariwe n’umukazana agukunda+ kandi akurutira abahungu indwi.» 16 Nuko Nawomi atora nya mwana aramuterura*, araheza amubera umurezi. 17 Abagore b’ababanyi bamutorera izina. Bavuga bati: «Nawomi araronse umuhungu.» Baca bamwita Obedi+. Ni we yavyaye Yese+ se wa Dawidi.

18 Aba rero ni bo bakomotse kuri Peresi*+: Peresi yavyaye Hesironi+, 19 Hesironi avyara Ramu, Ramu avyara Aminadabu+. 20 Aminadabu+ yavyaye Nahashoni, Nahashoni avyara Salumoni, 21 Salumoni avyara Bowazi, Bowazi avyara Obedi, 22 Obedi avyara Yese+, Yese na we avyara Dawidi+.

Mu giheburayo havuga ngo «igihe abacamanza ari bo baca imanza.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu matongo.»

Iryo zina risobanura ngo «Imana yanje ni umwami.»

Iryo zina risobanura ngo «uw’igikundiro.»

Iryo zina rishobora kuba rikomoka kw’ijambo ry’igiheburayo risobanura ngo «kugoyagoya» canke «kurwara.»

Iryo zina risobanura ngo «uwugeze habi», «uwuri ku mushiro.»

Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»

Canke «abereke urukundo rudahemuka (rudahera).»

Canke «yobaha ingabire.»

Mu giheburayo havuga ngo «kandi akaronka ahantu ho kuruhukira.»

Mu giheburayo havuga ngo «kuko ukuboko kwa Yehova kwandwanije.»

Iryo zina risobanura ngo «uw’igikundiro.»

Iryo zina risobanura ngo «umururazi.»

Sayiri ni ubwoko bw’ingano.

Canke «gutorora», «guhumba.» Raba Insiguro y’amajambo (Gutorora).

Canke «gutorora», «guhumba.» Raba Insiguro y’amajambo (Gutorora).

Hashobora kandi kuvugwa ngo «imiganda.»

Canke «ntibakubuze amahoro.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «n’imiganda.»

Efa ya sayiri ishobora kuba yapima nk’ibilo 13. Raba Inyongera ya B14.

Canke «umwe mu ncuti zacu afise uburenganzira bwo kuducungura.»

Mu giheburayo havuga ngo «ahantu ho kuruhukira.»

Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.

Canke «wambare impuzu zo hejuru.»

Canke «nusanze igice c’epfo c’impuzu yawe ku musavyi wawe.»

Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»

Zishobora kuba ari ingero zitandatu za seya, zoja mu kintu c’amalitiro nka 44. Raba Inyongera ya B14.

Mu giheburayo havuga ngo «uri nde.»

Canke «isandari.»

Mu giheburayo havuga ngo «mw’irembo ry’iwabo.»

Canke «inzu.»

Mu giheburayo havuga ngo «umenyekanishe izina.»

Mu giheburayo havuga ngo «amushira mu gikiriza.»

Mu giheburayo havuga ngo «aya rero ni yo mayaruka ya Peresi.»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika