ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • nwt Yosuwa 1:1-24:33
  • Yosuwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yosuwa
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Yosuwa

YOSUWA

1 Inyuma y’urupfu rwa Musa umusavyi wa Yehova, Yehova abwira Yosuwa*+ mwene Nuni, umufasha*+ wa Musa ati: 2 «Umusavyi wanje Musa yapfuye+. Haguruka rero, ujabuke uruzi Yorodani wewe n’aba bantu bose, mwinjire mu gihugu ngira mpe Abisirayeli+. 3 Ahantu hose muzohonyoza ikirenge, nzohabaha nk’uko nabisezeraniye Musa+. 4 Akarere kanyu kazohera mu bugaragwa gashike i Libani no kuri rwa ruzi runini Efurate, ni ukuvuga igihugu cose c’Abaheti+. Kazoshika no ku kiyaga Kinini* mu burengero+. 5 Nta n’umwe azoshobora kugutsinda igihe cose uzoba ukiriho+. Nzobana nawe nk’uko nabanye na Musa+. Sinzoguta canke ngo ndaguhebe+. 6 Gira umutima rugabo kandi ukomere+, kuko ari wewe uzofasha aba bantu gutorana igihugu nasezeraniye ba sekuruza+.

7 Wewe gusa gira umutima rugabo kandi ukomere cane, ukurikize neza amategeko yose umusavyi wanje Musa yaguhaye. Ntuze uyarengeko ngo ukatire iburyo canke ibubamfu+. Bizotuma ukorana ubukerebutsi* aho uzoja hose+. 8 Ibiri muri iki gitabu c’amategeko uze uvyamize mu kanwa kawe+. Uze ugisome n’ijwi ritoyi* umurango n’ijoro, kugira ngo ukurikize neza ivyanditswe muri co vyose+. Ni ho uzororanirwa kandi ugakorana ubukerebutsi+. 9 None si jewe ndagutegetse? Gira umutima rugabo kandi ukomere. Nturanduke umutima canke ngo ugire ubwoba, kuko Yehova Imana yawe azobana nawe aho uzoja hose+.»

10 Nuko Yosuwa ategeka abarongoye abandi ati: 11 «Nimunyuragire mw’ikambi maze mutegeke abantu muti: “Tegure impamba, kuko mu misi itatu muzojabuka Yorodani kugira muje kwigarurira igihugu Yehova Imana yanyu agira abahe+.”»

12 Hanyuma Yosuwa abwira Abarubeni, Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase ati: 13 «Mwibuke ivyo Musa umusavyi wa Yehova yabategetse+ ati: “Yehova Imana yanyu abahaye amahoro*, kandi yarabahaye iki gihugu. 14 Abagore banyu n’abana banyu n’ibitungwa vyanyu bizoguma mu gihugu jewe Musa nabahaye hakuno ya Yorodani*+. Mugabo mwebwe abarwanyi b’intwari mwese+ muzojabuka imbere ya bene wanyu mwiteguriye urugamba+. Muze mubafashe 15 gushika Yehova abahaye amahoro nk’uko namwe yayabahaye, na bo bakigarurira igihugu Yehova Imana yanyu agira abahe. Muzoheza rero mugaruke mu gihugu mwahawe mukibemwo, ico jewe Musa umusavyi wa Yehova nabahaye kiri mu buseruko bwa Yorodani+.”»

16 Na bo bishura Yosuwa bati: «Ivyo udutegetse vyose tuzobikora, kandi aho uzodutuma hose tuzojayo+. 17 Nk’uko twumviye Musa muri vyose, ni ko nawe tuzokwumvira. Yehova Imana yawe abane nawe nk’uko yabanye na Musa+. 18 Umuntu wese azokugarariza ntakurikize itegeko ryose umuhaye, azokwicwa+. Wewe gusa gira umutima rugabo kandi ukomere+.»

2 Maze Yosuwa mwene Nuni arungika mu mpisho abagabo babiri ngo baje gusuma urusaku* bavuye i Shitimu+. Ababwira ati: «Nimugende mwihweze ico gihugu, na canecane Yeriko.» Nuko baragenda, bashikira mu nzu y’umumaraya yitwa Rahabu+ baraheza baka indaro ng’aho. 2 Maze abantu babwira umwami wa Yeriko bati: «Hari abagabo babiri b’Abisirayeli binjiye hano ku mugoroba baje gusuma urusaku mu gihugu cacu.» 3 Umwami wa Yeriko aca atuma abantu kuri Rahabu ati: «Sohora abo bagabo baje kurara iwawe, kuko bazanywe no gusuma urusaku mu gihugu cose.»

4 Ariko nya mugore afata abo bagabo babiri arabanyegeza. Avuga rero ati: «Egome, abo bagabo baje iwanje, mugabo sinari nzi iyo bava. 5 Bumaze kwira, hagira hagere ko bugara irembo ry’igisagara, baciye bagenda. Sinzi iyo baroye, ariko mwobakurikira ningoga mwobahamvya.» 6 (Ariko yari yaburije hejuru ku nzu*, abanyegeza mu duti tuvamwo inyuzi* yari yahatondetse.) 7 Abo bantu baca barabakurikira, bagenda berekeza aho bajabukira* Yorodani+. Bakimara gusohoka, irembo ry’igisagara rica rirugarwa.

8 Ba bagabo babiri batararyama, uwo mugore aduga iyo bari hejuru ku nzu. 9 Ababwira ati: «Ndazi neza ko Yehova azobaha iki gihugu+ be n’uko dufise ubwoba bwinshi kubera mwebwe+. Ababa mu gihugu bose bihebuye kubera mwebwe+, 10 kuko twumvise ukuntu Yehova yakamije amazi y’ikiyaga Gitukura imbere yanyu igihe mwava mu Misiri+. Twarumvise n’ivyo mwakoreye abami babiri b’Abamori, Sihoni+ na Ogi+, abo mwiciye hakurya ya Yorodani*. 11 Tuvyumvise, imitima yaciye ituvamwo*. Twese twaracitse intege* kubera mwebwe, kuko Yehova Imana yanyu ari we Mana hejuru mw’ijuru no hasi kw’isi+. 12 Ndabasavye rero mundahire Yehova, yuko muzogirira ubuntu* urugo rwa dawe kuko nanje nabagiriye ubuntu, mumpe n’ikimenyetso c’ukuri*. 13 Muze muzigame dawe na mawe na basazanje na benewacu n’ababo bose, mudukize urupfu+.»

14 Nya bagabo baca bamubwira bati: «Tuzokwemera dupfe mu kibanza canyu. Nutatumenera ibanga, natwe tuzokugirira ubuntu* kandi tuzoshitsa ivyo tugusezeraniye Yehova niyaduha iki gihugu.» 15 Maze abururutsa ku mugozi baciye mw’idirisha, kuko inzu yiwe yari hejuru ku ruzitiro rw’igisagara, ifatanye na rwo+. 16 Na we ababwira ati: «Nimuje hariya mu misozi mwinyegezeyo imisi itatu, kugira ngo abariko barabahiga ntibababone. Nibamara kugaruka, muzoheza mubandanye urugendo.»

17 Na bo bamubwira bati: «Iyi ndahiro uturahije tuzoyubahiriza+ 18 niwagira ibi: nitwaza muri iki gihugu, uze ubohere uyu mugozi utukura* kw’idirisha tugira twururukiremwo. So wawe na nyoko wawe na basazawe n’urugo rwa so rwose, uze ubakoranirize mu nzu yawe+. 19 Nihagira uwuva mu nzu yawe akaja hanze, amaraso yiwe azoja ku gatwe kiwe, ntirizoba ari ikosa ryacu. Ariko uwuzoba yagumanye nawe mu nzu akagira ico aba*, amaraso yiwe azoja ku gatwe kacu. 20 Mugabo niwatumenera ibanga+, iyi ndahiro uturahije ntizodufata.» 21 Abishura ati: «Nibibe nk’uko mubivuze.»

Aca arabarungika barigira, araheza abohera wa mugozi utukura kw’idirisha. 22 Nuko baragenda maze baduga muri ya misozi, bagumayo imisi itatu gushika abariko barabahiga bagarutse. Bari babarondeye mu mayira yose barababura. 23 Nya bagabo babiri rero baramanuka bavuye muri iyo misozi, bajabuka uruzi maze bashika aho Yosuwa mwene Nuni ari, baraheza bamwiganira ivyabashikiye vyose. 24 Bamubwira bati: «Yehova yamaze kuduha igihugu cose+. Mbere n’abakibamwo bose bihebuye kubera twebwe+.»

3 Nuko Yosuwa avyuka kare mu gitondo, hanyuma we n’Abisirayeli bose baragenda bavuye i Shitimu+, bashika kuri Yorodani. Barara ng’aho imbere y’uko bajabuka.

2 Imisi itatu irangiye, abarongoye abandi+ banyuragira mw’ikambi, 3 bategeka abantu bati: «Mukimara kubona ko abaherezi b’Abalewi bareruye isandugu y’isezerano rya Yehova Imana yanyu+, muzoce muva aho muri muyikurikire 4 kugira mumenye inzira mujana kuko mutari bwigere muyicamwo. Ariko hagati yanyu n’iyo sandugu haze hacemwo nk’intambwe 2.000*. Ntimuze muyegere.»

5 Yosuwa araheza abwira abantu ati: «Nimwiyeze+, kuko ejo Yehova azokora ibintu vy’agatangaza hagati yanyu+.»

6 Maze Yosuwa abwira abaherezi ati: «Nimutore isandugu+ y’isezerano, mugendere imbere y’abantu.» Nuko batora isandugu y’isezerano maze babaja imbere.

7 Yehova aca abwira Yosuwa ati: «Uyu musi ngira ntangure kukugira umuntu akomeye imbere y’Abisirayeli bose+, kugira bamenye ko nzobana nawe+ nk’uko nabanye na Musa+. 8 Tegeka abaherezi bareruye isandugu y’isezerano uti: “Nimwashika ku nkombe y’uruzi Yorodani, muce mwinjira mu mazi maze muhagarare+.”»

9 Yosuwa aca abwira Abisirayeli ati: «Ingo mwumvirize ivyo Yehova Imana yanyu ababwira.» 10 Yongerako ati: «Iki ni co kiza kubereka yuko Imana nzima iri kumwe namwe+, kandi ko itazobura kwomora Abanyakanani, Abaheti, Abahiwi, Abaperizi, Abagirugashi, Abamori n’Abayebusi+, bakava imbere yanyu. 11 Ehe isandugu y’isezerano ry’Umukama w’isi yose igira yinjire muri Yorodani imbere yanyu. 12 Nimutore rero abagabo 12 mu miryango ya Isirayeli, umugabo umwumwe ku muryango+. 13 Ibirenge vy’abaherezi bareruye isandugu ya Yehova Umukama w’isi yose bigihonyora mu mazi ya Yorodani, amazi amanuka ava ruguru aca ahagarara, abe nk’urugomero*+.»

14 Nuko abantu bava aho bari bashinze amahema kugira bajabuke Yorodani, maze abaherezi bareruye isandugu+ y’isezerano babaja imbere. 15 Abo baherezi bakimara gushika ku ruzi Yorodani bagahonyora mu mazi yo ku nkombe (kuko Yorodani rwama rurenga inkombe+ mu gihe c’iyimbura), 16 amazi atemba ava ruguru aca arahagarara, araduga aba nk’urugomero* kure cane mu gisagara citwa Adamu kiri hafi ya Saretani, ayamanuka mu kiyaga co muri Araba na yo, ari co kiyaga c’Umunyu, arakama. Nuko uruzi rureka gutemba maze abantu barajabuka, bajabukira aharabana na Yeriko. 17 Abaherezi bareruye isandugu y’isezerano rya Yehova baguma bahagaze ahantu humutse+ hagati muri Yorodani, baguma hamwe gushika Abisirayeli bose bahejeje kujabuka Yorodani. Iryo hanga ryose ryajabutse riciye ahantu humutse+.

4 Ihanga ryose rikirangiza kujabuka Yorodani, Yehova abwira Yosuwa ati: 2 «Tora abagabo 12 mu Bisirayeli, umugabo umwumwe ku muryango+, 3 ubategeke uti: “Nimutore amabuye 12 hagati muri Yorodani, aho abaherezi bahagaze badakoma+ maze muyajane muyatereke aho muza kurara iri joro+.”»

4 Yosuwa ahamagara rero abagabo 12 yari yahisemwo mu Bisirayeli, umugabo umwumwe ku muryango 5 maze ababwira ati: «Nimuje hagati muri Yorodani imbere y’isandugu ya Yehova Imana yanyu. Umwe wese muri mwebwe ace atora ibuye maze arishire ku rutugu. Mutore amabuye angana n’igitigiri c’imiryango y’Abisirayeli. 6 Ayo mabuye azobibutsa ivyo Imana yakoze*. Mu nyuma abana* banyu nibababaza bati: “Kubera iki mwashize aya mabuye ng’aha+?”, 7 muze mubishure muti: “Ni kubera yuko amazi ya Yorodani yahagaze imbere y’isandugu+ y’isezerano rya Yehova. Igihe isandugu yajabuka Yorodani, amazi ya Yorodani yaciye areka gutemba. Aya mabuye azobera icibutso Abisirayeli imyaka yose+.”»

8 Abisirayeli rero bakora nk’uko Yosuwa yabategetse. Batora hagati muri Yorodani amabuye 12 ahuye n’igitigiri c’imiryango y’Abisirayeli, nk’uko Yehova yari yabibwiye Yosuwa maze bayatwara aho bari kurara iryo joro, bayaterekaho.

9 Yosuwa na we nyene ashinga amabuye 12 hagati muri Yorodani, aho abaherezi bareruye isandugu y’isezerano bari bahagaze+. Ayo mabuye ni ho akiri gushika n’uyu musi.

10 Nya baherezi bareruye isandugu baguma bahagaze hagati muri Yorodani gushika ivyo Yehova yari yategetse Yosuwa kubwira abantu vyose birangiye. Nuko Abisirayeli babikora bakurikije ivyo Musa yari yarategetse Yosuwa vyose. Muri uwo mwanya, abantu bariko bihutira kujabuka. 11 Abantu bose barangije kujabuka, abaherezi bareruye isandugu ya Yehova na bo barajabuka, abantu bose babitegereza+. 12 Abarubeni, Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase bajabutse biteguriye urugamba+, bajabuka imbere y’abandi Bisirayeli nk’uko Musa yari yarababwiye+. 13 Nuko ingabo nka 40.000 zitwaje ibirwanisho zirajabuka ziciye imbere ya Yehova, zija mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Yeriko.

14 Kuri uwo musi, Yehova agira Yosuwa umuntu akomeye imbere y’Abisirayeli bose+, maze baramwubaha cane* ubuzima bwiwe bwose, nk’uko bamye bubaha Musa+.

15 Maze Yehova abwira Yosuwa ati: 16 «Tegeka abaherezi bareruye isandugu+ irimwo ibisate vy’amategeko* bave muri Yorodani.» 17 Yosuwa aca ategeka nya baherezi ati: «Nimuve muri Yorodani.» 18 Abaherezi bareruye isandugu+ y’isezerano rya Yehova bakimara kuva hagati muri Yorodani bagahonyora ahumutse, amazi ya Yorodani aca asubira gutemba, yongera kurenga inkombe+ nk’uko yahora.

19 Abantu bajabutse Yorodani ku musi ugira cumi w’ukwezi kwa mbere, maze bakambika i Gilugali+ ku rubibe rwo mu buseruko bwa Yeriko.

20 Nayo ya mabuye 12 bari bakuye muri Yorodani, Yosuwa ayashinga i Gilugali+. 21 Hanyuma abwira Abisirayeli ati: «Muri kazoza, abana banyu nibababaza* bati: “Aya mabuye asobanura iki+?”, 22 muze mubasigurire muti: “Abisirayeli bajabutse Yorodani baciye kw’isi yumutse+. 23 Ico gihe Yehova Imana yanyu yarakamije amazi ya Yorodani imbere yabo gushika bahejeje kujabuka. Ukwo nyene ni ko Yehova Imana yanyu yabigize ku kiyaga Gitukura, igihe yagikamya imbere yacu gushika duhejeje kujabuka+. 24 Yabikoze kugira ngo amahanga yose yo kw’isi amenye ko ukuboko kwa Yehova gukomeye+ no kugira ngo mwame mutinya Yehova Imana yanyu.”»

5 Abami bose b’Abamori+ bo mu burengero bwa Yorodani* n’abami bose b’Abanyakanani+ b’iruhande y’ikiyaga, bakimara kwumva ko Yehova yakamije amazi ya Yorodani imbere y’Abisirayeli gushika bajabutse, imitima ibavamwo*+. Bacika intege* kubera Abisirayeli+.

2 Ico gihe Yehova abwira Yosuwa ati: «Nukore imbugita mw’ibuye ry’isare, ugenyere*+ Abisirayeli ubugira kabiri.» 3 Nuko Yosuwa akora izo mbugita mw’ibuye ry’isare, agenyera Abisirayeli i Gibeyati-Araloti*+. 4 Iki ni co catumye Yosuwa abagenyera: abantu bose b’igitsina-gabo bavuye mu Misiri, ni ukuvuga abaja mu rugamba* bose, bari bapfiriye mu bugaragwa mu rugendo bagize bavuye mu Misiri+. 5 Abavuye mu Misiri bose bari baragenyerewe, mugabo abavukiye mu bugaragwa bose mu rugendo bagize bavuye mu Misiri ntibari bwagenyerwe. 6 Abisirayeli bari bamaze imyaka 40+ bagendagenda mu bugaragwa, gushika ihanga ryose rihonye, ni ukuvuga abaja mu rugamba bavuye mu Misiri batumviye Yehova+. Yehova yari yarabarahiye ko atobaretse ngo babone igihugu+ Yehova yari yararahiye ba sekuruza ko azokiduha+, igihugu gitemba amata n’ubuki+. 7 Yaciye abasubiriza abahungu babo+. Abo ni bo Yosuwa yagenyereye, kuko batigeze bagenyerwa igihe bari ku rugendo.

8 Abagabo bose bamaze kugenyerwa, Abisirayeli baguma aho bakambitse gushika bakize.

9 Maze Yehova abwira Yosuwa ati: «Uyu musi ndabakuyeko* akagaye* k’Abanyamisiri.» Aho hantu rero baca bahita Gilugali*+ gushika n’uyu musi.

10 Abisirayeli baguma bakambitse i Gilugali, maze ku musi ugira 14 w’ukwezi kwa mbere+ ku mugoroba, bahimbaza Pasika* mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Yeriko. 11 Bukeye baraye bahimbaje Pasika, kuri uwo musi nyene batangura kurya ivyo bimbuye muri ico gihugu, barya udutsima tutarimwo umwambiro+ n’intete zikaranze. 12 Bamaze kurya ivyo bimbuye muri ico gihugu, bukeye bwaho manu ntiyasubira kuboneka. Abisirayeli ntibongera kuronka manu+, mugabo batangura kurya ivyo bimbuye mu gihugu ca Kanani muri uwo mwaka+.

13 Nuko Yosuwa ari hafi ya Yeriko, arunamura amaso maze abona umugabo+ ahagaze imbere yiwe, yasokoye inkota ayifise mu kuboko+. Yosuwa aca aja iyo ari amubaza ati: «Uri ku ruhande rwacu canke uri ku ruhande rw’abaturwanya?» 14 Nya mugabo amwishura ati: «Oya, ahubwo nje nk’umukuru* w’ingabo za Yehova+.» Yosuwa aca aramwunamira, mu maso hiwe hashika hasi, amubaza ati: «Databuja, ni igiki wipfuza kumbwira jewe umusavyi wiwe?» 15 Nya mukuru w’ingabo za Yehova amwishura ati: «Kura ibirato*, kuko ahantu uhagaze ari heranda.» Yosuwa aca arabikura+.

6 Igisagara ca Yeriko cari cugaye kidadiye kubera ugutinya Abisirayeli. Nta wasohoka kandi nta n’uwinjira+.

2 Maze Yehova abwira Yosuwa ati: «Ehe nguhaye gutsinda Yeriko, n’umwami waho n’abarwanyi baho b’intwari+. 3 Abasoda mwese muze muzunguruke igisagara, mukizunguruke incuro imwe. Ukwo ni ko muzobigira imisi itandatu. 4 Abaherezi indwi baze batware inzamba indwi zikozwe mu mahembe y’impfizi z’intama, bagendere imbere y’isandugu. Mugabo ku musi ugira indwi, muze muzunguruke igisagara incuro indwi kandi abaherezi baze bavuze nya nzamba+. 5 Inzamba niyavuga, mukimara kwumva ijwi* ryayo, abasoda bose baze bihe akaruru gakomeye k’intambara. Uruzitiro rw’igisagara ruzoca rusenyukira hasi+. Abasoda bazoce binjira, umwe wese atumbereye imbere yiwe.»

6 Yosuwa mwene Nuni aca akoranya abaherezi, ababwira ati: «Nimutore isandugu y’isezerano, abaherezi indwi na bo batware inzamba indwi zikozwe mu mahembe y’impfizi z’intama, bagendere imbere y’isandugu ya Yehova+.» 7 Hanyuma abwira abasoda ati: «Gende muzunguruke ico gisagara. Bamwe mu bafise ibirwanisho+ bagendere imbere y’isandugu ya Yehova.» 8 Nuko Yosuwa agiheza kuvuga, ba baherezi indwi baca baragenda batwaye inzamba indwi, bari imbere ya Yehova. Bagenda barazivuza, isandugu y’isezerano rya Yehova ibakurikiye. 9 Abasoda bafise ibirwanisho bari imbere y’abaherezi bariko bavuza inzamba, abandi basoda na bo bagendera inyuma y’isandugu. Aho hose abaherezi baguma bavuza inzamba.

10 Yosuwa yari yategetse abasoda ati: «Ntimwihe akamo canke ngo ijwi ryanyu ryumvikane. Ntihaze hagire uwukurako umunwa gushika umusi nzobabwira nti: “Nimwihe akamo!” Muzoce mwiha akamo.» 11 Nuko bazunguruka igisagara incuro imwe bafise isandugu ya Yehova, nk’uko Yosuwa yari yabitegetse. Hanyuma basubira mw’ikambi bararayo.

12 Bukeye, Yosuwa avyuka kare mu gitondo, abaherezi na bo batora isandugu+ ya Yehova. 13 Ba baherezi indwi bagendera imbere y’isandugu ya Yehova bafise inzamba, baguma bazivuza. Abasoda bafise ibirwanisho bari imbere yabo, abandi basoda na bo inyuma y’isandugu ya Yehova. Aho hose abaherezi baguma bavuza inzamba. 14 Kuri uwo musi ugira kabiri bazunguruka igisagara incuro imwe, hanyuma basubira mw’ikambi. Babigenza gutyo imisi itandatu+.

15 Ku musi ugira indwi bavyuka kare, umutwenzi ugitambika, maze bazunguruka igisagara kwa kundi nyene incuro indwi. Kuri uwo musi gusa ni ho bazungurutse igisagara incuro indwi+. 16 Ku ncuro igira indwi, abaherezi baca bavuza inzamba maze Yosuwa abwira abasoda ati: «Nimwihe akamo+, kuko Yehova abahaye iki gisagara. 17 Iki gisagara n’ibiri muri co vyose mutegerezwa kubitikiza+. Vyose ni ivya Yehova. Rahabu+ wa mumaraya ni we gusa aza gusigara, we n’abari kumwe na we mu nzu bose, kuko yanyegeje za ntumwa twarungika+. 18 Mwirinde ibintu bigenewe gutikizwa+ kugira ngo ntihagire ico mwipfuza muri vyo maze mukagitwara+, mugakwegera ivyago* ikambi ya Isirayeli bigatuma itikizwa+. 19 Mugabo ifeza zose n’inzahabu zose hamwe n’ibikozwe mu mujumpu canke mu cuma, ni vyeranda kuri Yehova+. Bikwiye gushirwa mu bubiko bw’itunga rya Yehova+.»

20 Inzamba zikimara kuvuga, abasoda baca biha akamo+. Abasoda bacumva ijwi ry’inzamba maze bakiha akaruru gakomeye k’intambara, uruzitiro ruca rusenyukira hasi+. Ubwo nyene baca binjira mu gisagara, umwe wese atumbereye imbere yiwe, baragifata. 21 Batikiza ivyari mu gisagara vyose, bicisha inkota abagabo n’abagore, abato n’abakuze, inka, intama hamwe n’indogobwa+.

22 Yosuwa abwira ba bantu babiri baza gusuma urusaku* muri ico gihugu ati: «Nimwinjire mu nzu ya wa mumaraya, mumusohorane n’abiwe bose nk’uko mwabimurahiye+.» 23 Abo basore baca barinjira, basohora Rahabu na se na nyina na basazawe n’abiwe bose, basohora abo mu muryango wiwe bose+. Babashikana impore inyuma y’ikambi ya Isirayeli.

24 Nuko baturira ico gisagara n’ibiri muri co vyose. Mugabo ifeza, inzahabu n’ibikozwe mu mujumpu canke mu cuma, barabitanga ngo bishirwe mu bubiko bw’itunga ry’inzu ya Yehova+. 25 Rahabu wa mumaraya n’urugo rwa se n’abiwe bose, ni bo gusa Yosuwa atishe+. Kandi Rahabu yibera muri Isirayeli gushika n’uyu musi+, kuko yanyegeje za ntumwa Yosuwa yarungika gusuma urusaku i Yeriko+.

26 Ico gihe ni ho Yosuwa yarahira* ati: «Uwuzosubira kwubaka iki gisagara ca Yeriko arakavumwa na Yehova. Niyashinga umushinge waco aze abure imfura yiwe. Niyashiraho amarembo yaco na ho abure umuhererezi wiwe+.»

27 Nuko Yehova abana na Yosuwa+, araheza aba rurangiranwa mw’isi yose+.

7 Mugabo Abisirayeli barahemuka barenga kw’itegeko Imana yari yabahaye ku bijanye n’ibintu vyabwirizwa gutikizwa, kuko Akani yatwaye ku bintu vyo gutikizwa+. Akani+ yari mwene Karumi, Karumi mwene Zabidi, Zabidi mwene Zera wo mu muryango wa Yuda. Yehova aca ashavurira cane Abisirayeli+.

2 Maze Yosuwa arungika abagabo ngo baje mu gisagara ca Ayi+ bavuye i Yeriko. Ico gisagara cari hafi ya Beti-Aveni, kikaba no mu buseruko bwa Beteli+. Ababwira ati: «Nimuduge musume urusaku* muri ako karere.» Nuko nya bagabo baduga gusuma urusaku mu gisagara ca Ayi. 3 Bagarutse kwa Yosuwa, bamubwira bati: «Ntibikenewe kurungikayo abasoda bose. Abagabo nka 2.000 canke 3.000 bohafata. Ntiwirirwe uraruhisha abasoda bose ubarungikayo, kuko habayo abantu bake.»

4 Hadugayo rero nk’abagabo 3.000 mugabo baratsindwa, bahunga abagabo b’i Ayi+. 5 Abagabo b’i Ayi bica abagabo 36 muri bo, barabakurikira kuva kw’irembo ry’igisagara gushika i Shebarimu*, bagenda barabicira ku mumanuko. Abantu ngo bavyumve, baranduka umutima, bacika intege*.

6 Yosuwa aca yitaburirako impuzu, apfukama imbere y’isandugu ya Yehova arunama mu maso hiwe hashika hasi. Agumaho gushika ku mugoroba ari kumwe n’abashingantahe bo muri Isirayeli. Baguma bisūrirako umukungugu ku mitwe. 7 Yosuwa avuga ati: «Ewe Mukama Segaba Yehova, kuki watujabukanye Yorodani? Ni ukugira gusa udutange ku Bamori ngo baduhonye? Iyo dupfuma twigumira hakurya ya Yorodani*. 8 Urantunga Yehova, mbega mvuge iki ko Isirayeli yahunze* abansi bayo? 9 Abanyakanani n’abandi bose baba mu gihugu nibavyumva, bazodukikuza baduhonye ku buryo n’izina ryacu rizimangana kw’isi. Uzokora iki none kugira urwanire izina ryawe rihambaye+?»

10 Yehova yishura Yosuwa ati: «Haguruka! Kubera iki uguma wunamye hasi? 11 Abisirayeli bacumuye. Barenze isezerano+ nabategetse kwubahiriza. Batwaye ku bintu vyo gutikizwa+. Bavyivye+ baca babinyegeza mu bintu vyabo+. 12 Ku bw’ivyo, Abisirayeli ntibazoshobora gutsinda abansi babo. Bazota bahunge abansi babo, kuko bikwegeye gutikizwa. Sinzosubira kubana namwe mudakuye hagati yanyu ivyari bikwiye gutikizwa+. 13 Haguruka utegure* abantu+, ubabwire uti: “Mwiyeze ku bw’ejo, kuko Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: ‘Ewe Isirayeli, hari ibintu vyari bigenewe gutikizwa biri hagati yanyu. Ntimuzoshobora gutsinda abansi banyu ivyo bintu mutarabikura hagati yanyu. 14 Muze murenguke mu gitondo, umuryango umwumwe ukwawo. Umuryango Yehova azotora+ uze wegere imbere yiwe, inzu imwimwe ukwayo. Inzu Yehova azotora ize yegere imbere yiwe, urugo rumwerumwe ukwarwo. Urugo Yehova azotora ruze rwegere imbere yiwe, umugabo umwumwe ukwiwe. 15 Uwuzofatanwa ivyo bintu vyo gutikizwa azoca aturirwa+, we hamwe n’ivyiwe vyose, kuko yarenze isezerano+ rya Yehova agakora ikintu c’agaterasoni muri Isirayeli.’”»

16 Nuko Yosuwa avyuka kare mu gitondo, ahamagaza Isirayeli umuryango umwumwe ukwawo, maze umuryango wa Yuda uba ari wo ufatwa. 17 Aca abwira inzu zo mu muryango wa Yuda ngo zegere maze inzu ya bene Zera+ irafatwa. Ubukurikira abwira inzu ya bene Zera ngo yegere, umugabo umwumwe ukwiwe, maze Zabidi arafatwa. 18 Mu kurangiza, abwira urugo rwa Zabidi ngo rwegere, umugabo umwumwe ukwiwe. Maze Akani mwene Karumi, Karumi mwene Zabidi, Zabidi mwene Zera wo mu muryango wa Yuda, aba ari we afatwa+. 19 Yosuwa aca abwira Akani ati: «Mwananje, ndakwinginze uninahaze Yehova Imana ya Isirayeli, umwaturire ico wakoze. Ndagusavye umbwire ivyo wakoze. Ntumpishe.»

20 Akani yishura Yosuwa ati: «Mu vy’ukuri, ni jewe nacumuye kuri Yehova Imana ya Isirayeli. Uku ni ko vyagenze: 21 nabonye mw’isahu impuzu nziza y’agaciro yavuye i Shinari+, na shekeli* 200 z’ifeza na shekeli 50 z’inzahabu. Naciye ndavyipfuza maze ndabitwara. Binyegeje mu kuzimu mw’ihema ryanje. Ifeza n’inzahabu biri munsi* ya nya mpuzu.»

22 Yosuwa aca atuma abantu, banyarukira kuri nya hema, basanga ya mpuzu inyegeje mw’ihema, ifeza n’inzahabu biri munsi yayo. 23 Nuko babikura mw’ihema maze babizanira Yosuwa n’Abisirayeli bose, babishira imbere ya Yehova. 24 Yosuwa n’Abisirayeli bose baca bafata Akani+ mwene Zera, na za feza, ya mpuzu nziza y’agaciro na ya nzahabu+, abahungu biwe n’abakobwa biwe, inka ziwe, indogobwa ziwe n’ibindi bitungwa vyiwe, ihema ryiwe n’ibintu vyiwe vyose, babijana mu kiyaya ca Akori+. 25 Maze Yosuwa avuga ati: «Kubera iki wadukwegeye ivyago*+? Uyu musi nawe Yehova araguteza ivyago.» Abisirayeli bose baca bamutera amabuye+ n’umuryango wiwe, hanyuma barabaturira+. Gutyo bose babicisha amabuye. 26 Baraheza bamurundako ikirundo kinini c’amabuye, kandi kiracariho gushika n’uyu musi. Ishavu rya Yehova rica rirahwama+. Ni co catumye aho hantu hitwa ikiyaya ca Akori* gushika n’uyu musi.

8 Maze Yehova abwira Yosuwa ati: «Ntutinye canke ngo uranduke umutima+. Tora abasoda bose muduge gutera Ayi. Ehe nguhaye gutsinda umwami wa Ayi, abantu biwe, igisagara ciwe n’akarere kiwe kose+. 2 Uzogirire Ayi n’umwami waho nk’uko wagiriye Yeriko n’umwami waho+. Ariko ubu hoho murashobora gusahura ivyo batunze n’ibitungwa vyabo. Abasoda bo kuhatera baze binyegeze inyuma y’igisagara.»

3 Nuko Yosuwa n’abasoda bose baduga gutera Ayi. Yosuwa atora abarwanyi b’intwari 30.000, abarungika mw’ijoro. 4 Abategeka ati: «Nimugende mwinyegeze inyuma y’igisagara. Ntimuje kure cane yaco, kandi mwese mugume mwiteguye. 5 Je n’abo turi kumwe tuzokwegera ico gisagara. Nibasohoka kuturwanya nk’ubwa mbere+, tuzoca twiruka tubahunge. 6 Bazoca badukurikira, natwe tuzobakwega tubajane kure y’igisagara, kuko bazokwibwira bati: “Baraduhunze nk’ubwa mbere+.” Kandi koko tuzobahunga. 7 Mwebwe rero muzoce munyeguruka maze mufate igisagara. Yehova Imana yanyu azokibaha. 8 Nimwamara kugifata muzoce mugiturira+. Muze mukurikize ivyo Yehova yavuze. Ivyo ni vyo ndabategetse.»

9 Yosuwa aca arabarungika, baja aho yababwiye kwinyegeza. Babunda hagati ya Beteli na Ayi mu burengero bwa Ayi, Yosuwa na we ararana n’abandi basoda.

10 Yosuwa avyuka kare mu gitondo, akoranya* ingabo hanyuma we n’abashingantahe bo muri Isirayeli bazija imbere berekeza i Ayi. 11 Abasoda bose+ bari kumwe na we baraduga bashika aharabana n’ico gisagara, bakambika mu buraruko bwa Ayi. Hagati yabo na Ayi hari umubande. 12 Yosuwa yari yabaye ararungika nk’abagabo 5.000 kwinyegeza+ hagati ya Beteli+ na Ayi, mu burengero bw’igisagara ca Ayi. 13 Uku ni ko abasoda bari bapanze: ikirindiro nyamukuru cari mu buraruko bw’igisagara+, bamwe binyegeje inyuma yaco na bo bari mu burengero+. Iryo joro Yosuwa aja hagati muri wa mubande*.

14 Umwami wa Ayi akimara kubibona, we n’abagabo bo mu gisagara baca bavyuka kare, birukira hanze y’igisagara gutana mu mitwe na Isirayeli. Nuko bahurira mu kibanza kirabana n’ikiyaya c’ubugaragwa, ariko umwami wa Ayi ntiyari azi ko hari abinyegeje inyuma y’igisagara ngo bagitere. 15 Yosuwa n’Abisirayeli bose babonye ko batewe n’abagabo b’i Ayi, baca barahunga bajana inzira ija mu bugaragwa+. 16 Maze abagabo bose bari mu gisagara batumwako ngo bakurikire Abisirayeli. Uko bakurikira Yosuwa, ni ko baja kure y’igisagara. 17 Nta mugabo n’umwe yasigaye i Ayi n’i Beteli. Nuko bose basohoka gukurikira Abisirayeli, basiga igisagara kirangaye.

18 Yehova aca abwira Yosuwa ati: «Gorora ukuboko urabishe icumu ufise mu minwe ku gisagara ca Ayi+, kuko ngira ndakiguhe+.» Yosuwa rero agorora ukuboko, arabisha icumu kuri ico gisagara. 19 Akimara kugorora ukuboko, bamwe bari banyegeye baca barahaguruka ningoga, biruka mu gisagara baragifata. Ubwo nyene baca baragiturira+.

20 Abagabo b’i Ayi bahindukiye bakabona igisagara kiriko kirafumba umwotsi, inkokora zica ziracika, babura iyo bahungira. Ba basoda ba Yosuwa bariko barahunga berekeza mu bugaragwa baca bahindukirira abariko barabakurikira. 21 Yosuwa n’Abisirayeli bose babonye ko ba basoda bari binyegeje bafashe igisagara, bakabona n’umwotsi waco uduga, baca bahindukirira abagabo b’i Ayi batangura kubica. 22 Bamwe bari mu gisagara baca baravayo baza guhura na bo. Abagabo b’i Ayi basigara bari hagati, bakikujwe n’Abisirayeli. Maze Abisirayeli barabica, ntihagira n’umwe abajana canke acika kw’icumu+. 23 Ariko umwami wa Ayi+ bamufata ari muzima maze bamuzanira Yosuwa.

24 Abisirayeli bica ababa i Ayi bose, babicira mu gahinga muri bwa bugaragwa bari babakurikiyemwo. Bamaze kubicisha inkota bose gushika ku wa nyuma, Abisirayeli bose baca bagaruka mu gisagara ca Ayi, baragitikiza bakoresheje inkota. 25 Abapfuye bose kuri uwo musi bari abagabo n’abagore 12.000, kandi abo ni bo bantu bose baba i Ayi. 26 Nuko Yosuwa ntiyasubiza hasi kwa kuboko yari afatishije icumu+, gushika ahejeje gutikiza ababa i Ayi bose+. 27 Abisirayeli basahura itunga ry’ico gisagara n’ibitungwa vyaho, nk’uko Yehova yari yabitegetse Yosuwa+.

28 Nuko Yosuwa aturira Ayi, hasigara ari ikirundo c’ibihomvagurike+ gushika n’uyu musi. 29 Amanika umwami wa Ayi ku giti gushika ku mugoroba, ariko izuba rigira rirenge, Yosuwa ategeka ko umuvyimba wiwe bawukura ku giti+. Baca bawuterera imbere y’irembo ry’igisagara maze bawurundako ikirundo kinini c’amabuye, kikaba kikiriho gushika n’uyu musi.

30 Ico gihe ni ho Yosuwa yubakira Yehova Imana ya Isirayeli igicaniro ku musozi Ebali+. 31 Yabikoze yisunze ivyo Musa umusavyi wa Yehova yategetse Abisirayeli, nk’uko vyanditswe mu gitabu c’amategeko+ ya Musa, ahagira hati: «Igicaniro c’amabuye atabajwe, ata gikoresho c’icuma bigeze bayakozako+.» Baca bashikanira Yehova kuri ico gicaniro amashikanwa aturirwa n’ibimazi vyo gusangira+.

32 Maze bari ng’aho nyene, Yosuwa yimurira ku mabuye amategeko+ Musa yari yarandikiye imbere y’Abisirayeli+. 33 Abisirayeli bose, abashingantahe, abarongoye abandi hamwe n’abacamanza, bari bahagaze irya n’ino y’isandugu imbere y’abaherezi b’Abalewi bareruye isandugu y’isezerano rya Yehova. Abanyamahanga n’imvukira na bo nyene ni ho bari+. Igice kimwe c’abantu cari imbere y’umusozi Gerizimu, ikindi gice imbere y’umusozi Ebali+ (nk’uko nyene Musa umusavyi wa Yehova yari yarabitegetse+), kugira Abisirayeli baronke umuhezagiro. 34 Inyuma y’ivyo, asoma n’ijwi ryumvikana amategeko yose+, imihezagiro+ n’imivumo+, nk’uko nyene vyanditswe mu gitabu c’amategeko. 35 Mu vyo Musa yari yarategetse vyose, nta jambo na rimwe Yosuwa atasomeye imbere y’ishengero ryose ry’Abisirayeli n’ijwi ryumvikana+. Abagore, abana n’abanyamahanga+ baba* mu Bisirayeli na bo nyene ni ho bari+.

9 Abami bose bo mu burengero bwa Yorodani+ bumva ivyabaye. Bari abami bo mu karere k’imisozi n’aka Shefela, abo ku nkengera yose ya ca kiyaga Kinini*+ n’aharabana na Libani, ni ukuvuga abami b’Abaheti, Abamori, Abanyakanani, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi+. 2 Baca bagira urunani kugira barwanye Yosuwa n’Abisirayeli+.

3 Abanyagibeyoni+ na bo nyene bumva ko Yosuwa yari yatsinze Yeriko+ na Ayi+. 4 Nuko bagira amayeri: bashira ku ndogobwa zabo impamba batekeye mu mipfuko ishaje, batwara n’umuvinyu mu mikuza y’inshato ishaje, yatobotse bakayisanasana. 5 Bambara ibirato* bishaje biteyeko ibiremo, bambara n’impuzu zaheze. Imikate yose batekeye yari yumye kandi yari yaravungaguritse. 6 Baraheza baja kuraba Yosuwa kw’ikambi i Gilugali+, babwira Yosuwa n’abagabo bo muri Isirayeli bati: «Tuvuye mu gihugu ca kure. Turabasavye mugirane natwe isezerano ry’amahoro.» 7 Ariko abagabo bo muri Isirayeli babwira abo Bahiwi+ bati: «Wosanga muba hafi yacu na ho? Wumva twogirana gute isezerano ry’amahoro+?» 8 Bishura Yosuwa bati: «Turi abasavyi* bawe.»

Maze Yosuwa ababwira ati: «Mbe muri bande? Muva he?» 9 Baca bamubwira bati: «Twebwe abasavyi bawe tuje tuva mu gihugu ca kure cane+ kubera twubaha izina rya Yehova Imana yawe. Twarumvise ingene ari rurangiranwa n’ivyo yakoze mu Misiri vyose+. 10 Twarumvise n’ibintu vyose yakoreye ba bami babiri b’Abamori baba hakurya ya Yorodani*, ari bo Sihoni+ umwami wa Heshiboni na Ogi+ umwami wa Bashani yaba i Ashitaroti. 11 Ni co gituma abashingantahe b’iwacu n’abanyagihugu bose batubwiye bati: “Nimutore impamba muzokwikorako, muje kubonana na bo, mubabwire muti: ‘Tuzoba abasavyi banyu+. Turabasavye rero mugirane natwe isezerano ry’amahoro+.’” 12 Igihe twava iwacu tuje kubaraba, iyi mikate twayitekeye igishushe. None raba yarumye kandi yaravungaguritse+. 13 Iyi mikuza y’inshato na yo twayujuje umuvinyu ikiri mishasha, none raba yaraturitse+. Impuzu zacu n’ibirato vyacu vyaraduhereyeko kubera urugendo rurerure cane.»

14 Abagabo bo muri Isirayeli baca batora bikeyi kuri iyo mpamba barabisuzuma, ariko ntibahanuza Yehova+. 15 Maze Yosuwa agirana na bo isezerano ry’amahoro+, abemerera ko atazobica. Abakuru b’ishengero rya Isirayeli na bo nyene barabarahira ko bazokwubahiriza iryo sezerano+.

16 Haciye imisi itatu bagiranye isezerano na bo, bamenya yuko baba hafi yabo mu micungararo. 17 Maze Abisirayeli bafata inzira, bashika ahari ibisagara vyabo ku musi ugira gatatu. Ivyo bisagara vyari Gibeyoni+, Kefira, Beroti na Kiriyati-Yeyarimu+. 18 Mugabo ntibabatera kuko abakuru b’ishengero rya Isirayeli bari babarahiye Yehova+ Imana ya Isirayeli. Ishengero ryose rica ritangura kwidodombera abo bakuru. 19 Abakuru baca babwira ishengero ryose bati: «Ko twabarahiye Yehova Imana ya Isirayeli, nta burenganzira dufise bwo kubagirira nabi. 20 Tuzobigenza gutya: tuzobareka babeho kugira ngo Imana ntidushavurire kubera indahiro twabarahiye+.» 21 Abo bakuru bongerako bati: «Nimubareke bibereho mugabo bazohora basenyera inkwi ishengero ryose barivomere n’amazi.» Ivyo ni vyo babasezeraniye.

22 Yosuwa aca arabahamagara, ababwira ati: «Kubera iki mwaduhenze mukavuga ngo muva kure cane kandi muba aha hafi yacu+? 23 Kuva ubu muravumwe+, kandi muzokwama muri abashumba basenya bakongera bakavoma ku bw’inzu y’Imana yanje.» 24 Bishura Yosuwa bati: «Ni uko twebwe abasavyi bawe batwiganiye neza yuko Yehova Imana yawe yategetse umusavyi wiwe Musa kubaha igihugu cose, no kuzimanganya abakibamwo bose bakava imbere yanyu+. Twaciye dutinya ko mwotwica+. Ni co catumye tugira gutyo+. 25 Ubu rero turi mu maboko yawe. Nutugire uko ugomba.» 26 Nuko Yosuwa abakorera ivyo bamusavye, abakiza Abisirayeli, ntibabica. 27 Ariko kuva uwo musi, Yosuwa abagira abashumba basenya bakongera bakavoma ku bw’ishengero ryose+ n’igicaniro ca Yehova, aho azoba yashimye ko kija hose+. Ni vyo bakora gushika n’uyu musi+.

10 Nuko Adonisedeki umwami wa Yeruzalemu yumva ko Yosuwa yari yafashe Ayi arahatikiza be n’uko yari yagize ico gisagara n’umwami waco+ nk’uko yagize Yeriko n’umwami waho+. Yumva kandi ko Abanyagibeyoni bari bagiranye isezerano ry’amahoro n’Abisirayeli+ be n’uko bari basigaye babana na bo. 2 Akimara kuvyumva, agira ubwoba bwinshi+ kuko Gibeyoni cari igisagara gikomeye nka kimwe mu bisagara bitwarwa n’abami. Carasumba Ayi+ kandi abagabo baho bose bari bazi kurwana. 3 Adonisedeki umwami wa Yeruzalemu aca arungikira ubu butumwa Hohamu umwami wa Heburoni+, Piramu umwami wa Yarimuti, Yafiya umwami wa Lakishi na Debiri umwami wa Eguloni+ ati: 4 «Ingo mumfashe dutere Gibeyoni, kuko yagiranye isezerano ry’amahoro na Yosuwa n’Abisirayeli+.» 5 Nuko abo bami batanu b’Abamori+ bakoranira hamwe bari kumwe n’ingabo zabo, ni ukuvuga umwami wa Yeruzalemu, uwa Heburoni, uwa Yarimuti, uwa Lakishi n’uwa Eguloni. Baca baragenda bakambika hafi ya Gibeyoni kugira bahatere.

6 Maze abagabo b’i Gibeyoni barungikira ubutumwa Yosuwa kw’ikambi i Gilugali+ bati: «Ntuhebe abashumba bawe*+. Nyaruka udutabare, udufashe. Abami bose b’Abamori bo mu karere k’imisozi badukoraniye.» 7 Yosuwa aca ava i Gilugali, adugana n’abasoda biwe bose n’abarwanyi b’intwari+.

8 Yehova aca abwira Yosuwa ati: «Ntubatinye+, kuko nabaguhaye+. Nta n’umwe muri bo azogutsinda+.» 9 Nuko Yosuwa arara aragenda ijoro ryose avuye i Gilugali, maze abatera batiteguye. 10 Yehova atera uruhagarara mu Bamori, barahungabana imbere y’Abisirayeli+. Abisirayeli bica Abamori, inganda ziratikira i Gibeyoni. Barabakurikira baciye mu nzira iduga i Beti-Horoni, bagenda barabica gushika i Azeka n’i Makeda. 11 Bakiriko barahunga Abisirayeli ku mumanuko wa Beti-Horoni, Yehova abakororerako iminana y’urubura ivuye mu kirere, igenda irabagwako gushika i Azeka, bose barapfa. Abishwe n’urubura baba benshi kuruta abo Abisirayeli bicishije inkota.

12 Kuri uwo musi, Yehova atuma Abamori bahunga Abisirayeli. Ico gihe ni ho Yosuwa yabwira Yehova imbere y’Abisirayeli ati:

«Zuba, hagarara+ hejuru ya Gibeyoni+,

nawe kwezi, hagarara hejuru y’ikiyaya ca Ayaloni.»

13 Nuko izuba riguma rihagaze, n’ukwezi ntikwava aho kuri, gushika iryo hanga ryihoye abansi baryo. Ivyo biranditswe mu gitabu ca Yashari+. Izuba rero riguma rihagaze hagati mu kirere hafi umusi wose, ntiryihutira kurenga. 14 Haba imbere y’aho canke inyuma y’aho, nta musi nk’uwo wigeze ubaho aho Yehova yumvirije ijwi ry’umuntu+ muri ubwo buryo. Yehova yabigize kubera yariko arwanira Isirayeli+.

15 Inyuma y’ivyo, Yosuwa n’Abisirayeli bose basubira kw’ikambi i Gilugali+.

16 Nayo ba bami batanu, bari bahunze baja kwinyegeza mw’isenga i Makeda+. 17 Yosuwa rero amenyeshwa ko abo bami batanu babasanze binyegeje mw’isenga i Makeda+. 18 Yosuwa aca avuga ati: «Nimutembagarize ibibuye bininibinini ku munwa w’iryo senga, muce muhashira abagabo babarinda. 19 Ariko abandi ntimuhagarare. Nimukurikire abansi banyu, mubatere mubaturutse inyuma+. Ntimubakundire kwinjira mu bisagara vyabo, kuko Yehova Imana yanyu yababahaye ngo mubatsinde.»

20 Nuko Yosuwa n’Abisirayeli bica Abamori, barabatikiza bimwe bikomeye. Abantu bakeyi gusa ni bo bacitse kw’icumu, baca bahungira mu bisagara bikingijwe ibihome. 21 Inyuma y’ivyo, abasoda bose bagaruka amahoro aho Yosuwa ari kw’ikambi i Makeda. Nta muntu n’umwe yabaye acubahuka kuvuga nabi* Abisirayeli. 22 Maze Yosuwa avuga ati: «Nimwugurure rya senga munzanire ba bami batanu.» 23 Bakura rero ba bami batanu mw’isenga, barabamuzanira. Ni bo b’aba: umwami wa Yeruzalemu, uwa Heburoni, uwa Yarimuti, uwa Lakishi n’uwa Eguloni+. 24 Bamaze kumuzanira abo bami, Yosuwa aca atumako abagabo bose bo muri Isirayeli maze abwira abakomanda bari bajanye na we ati: «Ingo muhonyore ku bikanu vy’aba bami.» Nuko baregera, babahonyora ku bikanu+. 25 Yosuwa aca ababwira ati: «Ntimutinye canke ngo muranduke umutima+. Nimugire umutima rugabo kandi mukomere, kuko uku ari ko Yehova azogira abansi bose muriko murarwanya+.»

26 Maze Yosuwa arabica hanyuma abamanika ku biti bitanu. Baguma bamanitse gushika ku mugoroba. 27 Izuba rirenze, Yosuwa ategeka ko babamanura kuri nya biti+ bakabaterera muri rya senga bari binyegejemwo. Baca bashira ibibuye bininibinini ku munwa w’iryo senga, kandi ni ho bikiri gushika n’uyu musi.

28 Kuri uwo musi, Yosuwa afata igisagara ca Makeda+, abaho abicisha inkota. Yica umwami waho, atikiza n’abahaba bose, ntiyasigaza n’umwe+. Umwami wa Makeda+ amugira nk’uko yagize umwami wa Yeriko.

29 Hanyuma Yosuwa n’Abisirayeli bose bava i Makeda baja i Libuna+ maze barahatera. 30 Yehova aha Abisirayeli intsinzi kuri ico gisagara n’umwami waho+, baragitikiza. Abaho bose babicisha inkota, ntibasigaza n’umwe. Umwami waho bamugira nk’uko bagize umwami wa Yeriko+.

31 Ubukurikira, Yosuwa n’Abisirayeli bose bava i Libuna baja i Lakishi+. Bashinga ikambi ng’aho maze barahatera. 32 Yehova afasha Abisirayeli gutsinda Lakishi, ico gisagara bagifata ku musi ugira kabiri. Baragitikiza, abaho bose babicisha inkota+ nk’uko babigize i Libuna.

33 Horamu umwami wa Gezeri+ aca aduga gutabara Lakishi, ariko Yosuwa amwicana n’ingabo ziwe, ntiyasigaza n’umwe.

34 Maze Yosuwa n’Abisirayeli bose bava i Lakishi baja i Eguloni+. Bashinga ikambi ng’aho maze barahatera. 35 Uwo musi nyene barahafata, abaho babicisha inkota. Batikiza abahaba bose kuri uwo musi, nk’uko babigize i Lakishi+.

36 Yosuwa n’Abisirayeli bose baca bava i Eguloni baduga i Heburoni+ maze barahatera. 37 Bafata ico gisagara baragitikiza. Bicisha inkota abakibamwo, umwami waho n’ababa mu bisagara bihakikuje, ntibasigaza n’umwe. Yosuwa arahatikiza n’abaho bose, ahagira nk’uko yagize Eguloni.

38 Ubwa nyuma, Yosuwa n’Abisirayeli bose barahindukira, berekeza i Debiri+ maze barahatera. 39 Afata ico gisagara n’umwami waho n’ibisagara bihakikuje. Abahaba bose babicisha inkota, barabatikiza+ ntihasigara n’umwe+. Yosuwa agira Debiri n’umwami waho nk’uko yagize Heburoni na Libuna hamwe n’umwami waho.

40 Yosuwa afata igihugu cose, ni ukuvuga akarere k’imisozi, aka Negebu, aka Shefela+, n’imisozi ihanamye n’abami baho bose. Ntiyasigaza umuntu n’umwe. Atikiza igihumeka cose+, nk’uko Yehova Imana ya Isirayeli yari yarabitegetse+. 41 Yosuwa afata akarere kava i Kadeshi-Baruneya+ kagashika i Gaza+, n’igihugu cose ca Gosheni+ gushika i Gibeyoni+. 42 Nuko Yosuwa atsinda abo bami bose, afata n’igihugu cabo mu kiringo kimwe, kuko Yehova Imana ya Isirayeli ari we yarwanira Isirayeli+. 43 Inyuma y’ivyo, Yosuwa n’Abisirayeli bose basubira kw’ikambi i Gilugali+.

11 Yabini umwami wa Hazori akimara kuvyumva, aca arungikira ubutumwa Yobabu umwami wa Madoni+, n’umwami wa Shimuroni n’umwami wa Akishafu+. 2 Aburungikira n’abami bo mu karere k’imisozi kari mu buraruko, abari mu biyaya* vyo mu bumanuko bwa Kinereti n’abo mu karere ka Shefela no mu mirambi y’i Dori+ mu burengero. 3 Ubwo butumwa aburungikira kandi Abanyakanani+ baba mu buseruko no mu burengero, Abamori+, Abaheti, Abaperizi, Abayebusi baba mu karere k’imisozi n’Abahiwi+ baba munsi y’umusozi Herumoni+ mu gihugu ca Mizipa. 4 Nuko baraza bari kumwe n’ingabo zabo zose, ari benshi cane nk’udutete tw’umusenyi wo ku nkengera y’ikiyaga kandi bari bafise amafarasi n’imikogote y’intambara vyinshi cane. 5 Abo bami bose bahana isango maze bahurira hafi y’amazi y’i Meromu, bahashinga ikambi kugira barwanye Abisirayeli.

6 Yehova aca abwira Yosuwa ati: «Ntubatinye+ kuko ejo nk’aya mango nzoha intsinzi Abisirayeli, bice abo bami bose. Amafarasi yabo muze muyavune amaguru*+, imikogote yabo na yo muyiturire.» 7 Nuko Yosuwa n’abasoda bose baza hafi y’amazi y’i Meromu maze batera abo bami batari bavyiteze. 8 Yehova afasha Abisirayeli barabatsinda+, baguma babakurikira gushika mu gisagara kinini citwa Sidoni+, n’i Misirefoti-Mayimu+ no mu kiyaya ca Mizipe mu buseruko. Barabica bose ntihagira n’umwe asigara+. 9 Yosuwa aca avuna amaguru y’amafarasi* yabo, imikogote yabo na yo arayiturira+, nk’uko Yehova yari yamutegetse.

10 Hanyuma Yosuwa arahindukira afata igisagara ca Hazori, umwami waco amwicisha inkota+. Ivyo yabikoze kubera yuko Hazori cahoze ari co gisagara gikuru muri ubwo bwami bwose. 11 Abahaba bose babicisha inkota, barabatikiza+. Nta gihumeka na kimwe casigaye+, maze aturira igisagara ca Hazori. 12 Yosuwa afata ivyo bisagara vyose, abami bavyo na bo abicisha inkota bose+. Arabahonya+, nk’uko nyene Musa umusavyi wa Yehova yari yarabitegetse. 13 Ariko rero ibisagara vyose vyari vyubatswe ku dusozi, Abisirayeli ntibabituriye kiretse Hazori. Ico gisagara conyene ni co Yosuwa yaturiye. 14 Abisirayeli basahura itunga ryose ry’ivyo bisagara n’ibitungwa vyaho+. Mugabo abantu bose babicisha inkota gushika babazimanganije+. Nta muntu n’umwe basigaje+. 15 Ivyo Yehova yari yarategetse umusavyi wiwe Musa, ni ko Musa na we yabitegetse Yosuwa+, kandi Yosuwa yabikoze ukwo nyene. Nta na kimwe atakoze mu vyo Yehova yari yarategetse Musa vyose+.

16 Nuko Yosuwa afata ico gihugu cose, ni ukuvuga akarere k’imisozi, aka Negebu kose+, igihugu cose ca Gosheni, akarere ka Shefela+, aka Araba*+, akarere k’imisozi ka Isirayeli n’uturambi twaho turi munsi y’imisozi*, 17 guhera ku musozi Halaki uduga amaja i Seyiri, gushika i Bayali-Gadi+ mu kiyaya ca Libani kiri munsi y’umusozi Herumoni+. Afata n’abami baho bose maze arabica. 18 Yosuwa yamaze igihe kirekire arwana n’abo bami bose. 19 Nta gisagara na kimwe cagiranye isezerano ry’amahoro n’Abisirayeli kiretse Abahiwi baba i Gibeyoni+. Ibindi bisagara vyose babifatishije umuheto+. 20 Yehova ni we yareka bakaba intagondwa*+ bakarwanya Abisirayeli, kugira abatikize ata kigongwe+. Bategerezwa kurandurwa, nk’uko nyene Yehova yari yarabitegetse Musa+.

21 Ico gihe Yosuwa azimanganya bene Anaki+ baba mu karere k’imisozi, ababa i Heburoni, i Debiri, i Anabu n’ababa mu karere k’imisozi k’Ubuyuda kose n’aka Isirayeli kose. Yosuwa arabatikiza, atikiza n’ibisagara vyabo+. 22 Mu bakomoka kuri Anaki nta n’umwe yasigaye mu gihugu c’Abisirayeli. Basigaye+ gusa i Gaza+, i Gati+ n’i Ashidodi+. 23 Yosuwa rero yigarurira igihugu cose nk’uko Yehova yari yarabisezeraniye Musa+. Araheza agiha Abisirayeli ngo kibe intoranwa yabo hisunzwe imiryango yabo, ku buryo umwe wose uronka umugabane wawo+. Nuko igihugu kiruhuka intambara+.

12 Aba rero ni bo bami Abisirayeli batsinze mu buseruko bwa Yorodani maze bigarurira ibihugu vyabo kuva ku mubande* wa Arunoni+, kuduga gushika ku musozi Herumoni+, n’akarere kose ka Araba amaja mu buseruko+: 2 uwa mbere ni Sihoni+ umwami w’Abamori. Yaba i Heshiboni, agatwara igisagara ca Aroweri+ cari ku mpera y’umubande* wa Arunoni+. Yatwara n’akarere kava hagati mu mubande wa Arunoni gushika ku mwonga wa Yaboki hamwe n’igice ca Gileyadi. Umwonga wa Yaboki ni wo wari urubibe rw’Abamoni. 3 Yatwara kandi akarere ka Araba gushika ku kiyaga ca Kinereti*+ amaja mu buseruko. Ako karere karabandanya no ku kiyaga co muri Araba ari co kiyaga c’Umunyu, mu buseruko werekeza i Beti-Yeshimoti, kakabandanya n’amaja mu bumanuko munsi y’umusozi Pisiga+.

4 Akandi karere Abisirayeli bigaruriye ni aka Ogi+ umwami wa Bashani. Yari umwe mu masigarira y’Abarefayimu+, akaba yaba i Ashitaroti n’i Edireyi. 5 Yaganza umusozi Herumoni n’i Saleka n’i Bashani+ hose, akabandanya no ku rubibe rw’Abageshuri, Abamayakati+ n’igice ca Gileyadi, gushika ku rubibe rw’akarere ka Sihoni umwami wa Heshiboni+.

6 Musa umusavyi wa Yehova n’Abisirayeli ni bo batsinze abo bami+. Musa umusavyi wa Yehova aca yegurira akarere kabo Abarubeni, Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase+.

7 Aba na bo ni bo bami Yosuwa n’Abisirayeli batsindiye mu burengero bwa Yorodani, kuva i Bayali-Gadi+ mu kiyaya ca Libani+ gushika ku musozi Halaki+ uduga amaja i Seyiri+. Igihugu cabo Yosuwa yaciye acegurira Abisirayeli kugira umuryango wose utorane umugabane wawo+. 8 Cari kigizwe n’akarere k’imisozi, aka Shefela, aka Araba, imisozi ihanamye, ubugaragwa n’akarere ka Negebu+. Cari igihugu c’Abaheti, Abamori+, Abanyakanani, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi+. Abo bami ni aba:

 9 umwami wa Yeriko+, umwami wa Ayi+ iruhande ya Beteli,

10 umwami wa Yeruzalemu, umwami wa Heburoni+,

11 umwami wa Yarimuti, umwami wa Lakishi,

12 umwami wa Eguloni, umwami wa Gezeri+,

13 umwami wa Debiri+, umwami wa Gederi,

14 umwami wa Horuma, umwami wa Aradi,

15 umwami wa Libuna+, umwami wa Adulamu,

16 umwami wa Makeda+, umwami wa Beteli+,

17 umwami wa Tapuwa, umwami wa Heferi,

18 umwami wa Afeki, umwami wa Lasharoni,

19 umwami wa Madoni, umwami wa Hazori+,

20 umwami wa Shimuroni-Meroni, umwami wa Akishafu,

21 umwami wa Tanaki, umwami wa Megido,

22 umwami wa Kedeshi, umwami wa Yokineyamu+ i Karumeli,

23 umwami wa Dori mu mirambi y’i Dori+, umwami wa Goyimu i Gilugali,

24 n’umwami wa Tiruza. Bose hamwe bari abami 31.

13 Yosuwa yari ashaje, ageze mu zabukuru+. Maze Yehova amubwira ati: «Ehe washaje ugeze mu zabukuru, mugabo haracasigaye akarere kanini k’igihugu mutarafata. 2 Aka ni ko karere gasigaye+: intara zose z’Abafilisitiya n’iz’Abageshuri zose+ 3 (akarere kava kw’ishami rya Nili* mu buseruko bwa Misiri* gushika ku rubibe rwa Ekuroni mu buraruko, akahora kegukira Abanyakanani+), kwongerako intara z’abatware batanu b’Abafilisitiya+ ari zo Gaza, Ashidodi+, Ashikeloni+, Gati+ na Ekuroni+, hamwe n’intara y’Abavimu+ 4 mu bumanuko. Haracasigaye kandi igihugu cose c’Abanyakanani, n’akarere ka Meyara k’Abanyasidoni+ gushika i Afeki ku rubibe rw’Abamori. 5 Haracasigaye n’igihugu c’Abagebali+ na Libani yose amaja mu buseruko, kuva i Bayali-Gadi munsi y’umusozi Herumoni gushika i Lebo-Hamati*+, 6 n’akarere k’imisozi kose kava i Libani+ gushika i Misirefoti-Mayimu+, hamwe n’akarere kose k’Abanyasidoni+. Ababayo bose nzobomora kugira ico gihugu ndagihe Abisirayeli+. Wewe ico uzokora gusa, ni uguha Abisirayeli ico gihugu kikababera intoranwa, nk’uko nabigutegetse+. 7 Gabura rero iki gihugu kugira ngo ya miryango icenda hamwe n’igice c’umuryango wa Manase ironke intoranwa yayo+.»

8 Ikindi gice c’umuryango wa Manase, Abarubeni hamwe n’Abagadi bari baronse intoranwa yabo mu buseruko bwa Yorodani. Ni ya ntoranwa nyene Musa umusavyi wa Yehova yabaha+. 9 Bahawe akarere kava ku gisagara ca Aroweri+ kiri ku mpera y’umubande* wa Arunoni+, n’igisagara kiri hagati muri uwo mubande, n’itāba ryose rya Medeba gushika i Diboni. 10 Bahabwa n’ibisagara vyose vya Sihoni umwami w’Abamori, uwaganza i Heshiboni, gushika ku rubibe rw’Abamoni+. 11 Bahabwa na Gileyadi n’akarere k’Abageshuri n’ak’Abamayakati+, n’umusozi Herumoni wose na Bashani+ yose gushika i Saleka+, 12 n’ubwami bwose bwa Ogi muri Bashani, uwaganza i Ashitaroti n’i Edireyi. (Yari umwe mu masigarira y’Abarefayimu+.) Musa yaratsinze ababa muri utwo turere, arabomora+. 13 Mugabo Abisirayeli ntibomoye+ Abageshuri n’Abamayakati kuko bakiba muri Isirayeli gushika n’ubu.

14 Umuryango w’Abalewi ni wo gusa Musa atahaye intoranwa+. Intoranwa yabo ni amashikanwa bashikanisha umuriro ahabwa Yehova Imana ya Isirayeli+, nk’uko nyene yabibasezeraniye+.

15 Iyi ni yo ntoranwa Musa yahaye umuryango w’Abarubeni hisunzwe ingo zabo. 16 Akarere kabo kava ku gisagara ca Aroweri kiri ku mpera y’umubande* wa Arunoni. Karimwo n’igisagara kiri muri uwo mubande, n’amatāba yose ari iruhande ya Medeba, 17 Heshiboni n’ibisagara vyaho vyose+ biri ku matāba, Diboni, Bamoti-Bayali, Beti-Bayali-Meyoni+, 18 Yahazi+, Kedemoti+, Mefati+, 19 Kiriyatayimu, Sibuma+ na Zereti-Shahari ku musozi uhanamiye ikiyaya, 20 Beti-Peyori, imidugo ya Pisiga+, Beti-Yeshimoti+, 21 ibisagara vyose vyo ku matāba n’ubwami bwose bwa Sihoni umwami w’Abamori yaganza i Heshiboni+. Musa yari yaratsinze uwo mwami+ n’abakuru b’Abamidiyani ari bo Evi, Rekemu, Zuri, Huru na Reba+. Abo bakuru bayoboka Sihoni kandi baba muri ico gihugu. 22 Balamu+ mwene Beyori, wa mupfumu+, na we nyene ari mu bo Abisirayeli bicishije inkota. 23 Yorodani ni rwo rwari urubibe rw’akarere k’Abarubeni. Abarubeni batoranye ako karere n’ibisagara vyaho n’ibigwati bihegereye, hisunzwe ingo zabo.

24 Musa yahaye intoranwa n’umuryango w’Abagadi hisunzwe ingo zabo. 25 Akarere kabo kari kagizwe na Yazeri+ n’ibisagara vyose vy’i Gileyadi n’igice c’igihugu c’Abamoni+ gushika i Aroweri, aharabana na Raba+. 26 Kava n’i Heshiboni+ kagashika i Ramati-Mizipe n’i Betonimu, kakava n’i Mahanayimu+ kagashika ku rubibe rwa Debiri. 27 Mu kiyaya na ho, ibisagara vyabo vyari Beti-Haramu, Beti-Nimura+, Sukoti+ na Zafoni, ni ukuvuga igice gisigaye c’ubwami bwa Sihoni umwami wa Heshiboni+. Urubibe rwabo rwari ubuseruko bw’uruzi Yorodani uhereye ku mpera y’epfo y’ikiyaga ca Kinereti*+. 28 Abagadi batoranye ako karere n’ibisagara vyaho n’ibigwati bihegereye, hisunzwe ingo zabo.

29 Igice c’umuryango wa Manase na co nyene Musa yaragihaye intoranwa, hisunzwe ingo zabo+. 30 Akarere kabo kahera i Mahanayimu+ kagafata na Bashani yose, ni ukuvuga ubwami bwose bwa Ogi umwami wa Bashani n’ibigwati vy’amahema vyose vya Yayiri+ biri i Bashani. Kari kagizwe n’ibisagara 60. 31 Igice ca Gileyadi, Ashitaroti na Edireyi+, ibisagara vyo mu bwami bwa Ogi biri i Bashani, vyahawe bene Makiri+ mwene Manase, ni ukuvuga igice ca bene Makiri, hisunzwe ingo zabo.

32 Izo ni zo ntoranwa Musa yabahaye mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu, hakurya ya Yorodani mu buseruko bwa Yeriko+.

33 Mugabo Musa ntiyahaye intoranwa umuryango w’Abalewi+. Yehova Imana ya Isirayeli ni we ntoranwa yabo, nk’uko nyene yabibasezeraniye+.

14 Iyi rero ni yo ntoranwa Abisirayeli baronse mu gihugu ca Kanani. Umuherezi Eleyazari na Yosuwa mwene Nuni n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango* ya Isirayeli ni bo babahaye iyo ntoranwa ngo ibegukire+. 2 Imiryango icenda n’igice yaronse intoranwa yayo biciye ku bupfindo+, nk’uko nyene Yehova yari yarabitegetse Musa+. 3 Ya miryango ibiri n’igice na yo, Musa yari yarayihaye intoranwa yayo hakurya ya Yorodani*+. Mugabo Abalewi ntiyabahaye intoranwa mu miryango y’Abisirayeli+. 4 Abakomoka kuri Yozefu baharurwa ko ari imiryango ibiri+: uwa Manase n’uwa Efurayimu+. Abalewi nta mugabane baronse, uretse gusa ibisagara+ vyo kubamwo n’amatongo yo kuragiramwo n’amatungo yabo+. 5 Nuko Abisirayeli bagabura igihugu nk’uko Yehova yari yarabitegetse Musa.

6 Maze abagabo bo mu muryango wa Yuda baza kuraba Yosuwa i Gilugali+. Kalebu+ mwene Yefune Umukenizi amubwira ati: «Urazi neza ivyo Yehova yabwiye+ Musa wa muntu w’Imana y’ukuri+ ku bitwerekeye twe nawe igihe twari i Kadeshi-Baruneya+. 7 Nari mfise imyaka 40 igihe Musa umusavyi wa Yehova yandungika ndi i Kadeshi-Baruneya ngo nje gusuma urusaku* mu gihugu+, kandi igihe nagaruka nazanye amakuru y’ukuri*+. 8 Naho benewacu twari twajanye batumye abantu baranduka umutima*, jewe nakurikiye Yehova Imana yanje n’umutima wanje wose*+. 9 Kuri uwo musi Musa yarandahiye ati: “Igihugu wahonyojemwo ikirenge kizokwama ari intoranwa yawe n’abahungu bawe, kuko wakurikiye Yehova Imana yanje n’umutima wawe wose+.” 10 Imyaka 45 iraheze kuva Yehova abwiye Musa iryo sezerano, igihe Abisirayeli bari bakigendagenda mu bugaragwa+. Muri iyo myaka yose, Yehova yaranzigamye+ nk’uko yabisezeranye+. Raba n’ubu ndacariho, mfise imyaka 85. 11 Ariko ndacakomeye nk’uko nari nkomeye igihe Musa yandungika. Inguvu mfise ubu ni nk’izo nari mfise kiriya gihe, haba ku rugamba canke mu bindi bikorwa. 12 Numpe rero aka karere k’imisozi Yehova yanyemereye urya musi. Naho karimwo bene Anaki+ n’ibisagara bikomeye bikingijwe ibihome+ nk’uko wavyumvise kiriya gihe, ndazi neza* ko Yehova azobana nanje+. Nzobomora nk’uko Yehova yabisezeranye+.»

13 Yosuwa aca ahezagira Kalebu mwene Yefune maze amuha Heburoni ngo ibe intoranwa yiwe+. 14 Ni co gituma Heburoni yegukira Kalebu mwene Yefune Umukenizi. Ni intoranwa yiwe gushika n’uyu musi, kuko yakurikiye Yehova Imana ya Isirayeli n’umutima wiwe wose+. 15 Igisagara ca Heburoni cahora citwa Kiriyati-Aruba+ (Aruba yari we muntu akomeye cane muri bene Anaki). Nuko igihugu kiruhuka intambara+.

15 Akarere umuryango wa Yuda waronse*+ ku bw’ingo ziwugize, karagenda gushika ku rubibe rwa Edomu+, ni ukuvuga ubugaragwa bwa Zini, kakabandanya gushika ku rubibe rwo mu bumanuko rw’akarere ka Negebu. 2 Urubibe rwabo rwo mu bumanuko rwahera ku mpera y’ikiyaga c’Umunyu+, ahari ikigobe kiraba mu bumanuko. 3 Rwarabandanya mu bumanuko rugana umudugo wa Akurabimu+, rukagenda rwerekeza i Zini. Rwaca ruva aho rukaduga i Kadeshi-Baruneya+, rukagenda i Hesironi, rukaduga gushika i Adari maze rugakatira i Karika. 4 Rwaca rubandanya i Azimoni+ rugashika ku mwonga* wa Misiri+, maze rukagarukira ku kiyaga*. Urwo ni rwo rwari urubibe rwabo rwo mu bumanuko.

5 Mu buseruko, urubibe rwari ikiyaga c’Umunyu gushika aho uruzi Yorodani rwisuka muri co. Mu buraruko na ho rwahera mu kigobe c’ico kiyaga, aho Yorodani rwisuka+. 6 Urwo rubibe rwaraduga i Beti-Hogula+ rugaca mu buraruko bwa Beti-Araba+, maze rukaduga gushika kw’ibuye rya Bohani+ mwene Rubeni. 7 Rwaraduga rwerekeza i Debiri ruciye ahari ikiyaya ca Akori+ hanyuma rugakatira mu buraruko ruja i Gilugali+, aharabana n’umudugo wa Adumimu uri mu bumanuko bw’umwonga. Rwaca rugenda rwerekeza ku mazi ya Eni-Shemeshi+, rukagarukira i Eni-Rogeli+. 8 Rwaraheza rukaduga ku mubande wa mwene Hinomu+, rukerekeza mu bumanuko ku mudugo w’igisagara c’Abayebusi+, ari co Yeruzalemu+. Rwaca ruduga rwerekeza kw’isonga ry’umusozi urabana n’umubande wa Hinomu mu burengero. Uwo musozi wari mu buraruko bw’ikiyaya ca Refayimu. 9 Urubibe rwaca ruca kw’isonga ry’umusozi rugashika kw’isoko ry’amazi rya Nefutowa+, maze rukagenda rwerekeza ku bisagara biri ku musozi Efuroni. Rwaca rubandanya gushika i Bayala, ari ho Kiriyati-Yeyarimu+. 10 Nya rubibe rwaca ruva i Bayala rugakebereza mu burengero ruja ku musozi Seyiri, rugaca ku ruhande rw’umusozi Yeyarimu mu buraruko, ni ukuvuga i Kesaloni. Rwaca rumanuka i Beti-Shemeshi+, rugaca i Timuna+. 11 Rwaragenda gushika ku mumanuko wa Ekuroni+ mu buraruko, rugaca i Shikeroni, rukabandanya ku musozi Bayala, rugashika i Yabuneli maze rukagarukira ku kiyaga.

12 Mu burengero, urubibe rwari ikiyaga Kinini*+ n’inkengera yaco. Urwo ni rwo rwari urubibe ku mpande zose z’akarere kahawe abakomoka kuri Yuda, hisunzwe ingo zabo.

13 Nayo Kalebu+ mwene Yefune aronka umugabane muri bene Yuda nk’uko Yehova yari yarabitegetse Yosuwa. Yaronse Kiriyati-Aruba, ari yo Heburoni+ (uwo Aruba yari se wa Anaki). 14 Nuko Kalebu yomora abahungu batatu ba Anaki+ babayo, ari bo Sheshayi, Ahimani na Talimayi+. Abo ni bene Anaki. 15 Maze ava ng’aho aja gutera ababa i Debiri+. (Debiri hahora hitwa Kiriyati-Seferi.) 16 Kalebu aca avuga ati: «Uwuzotera Kiriyati-Seferi akahafata, nzomuha umukobwa wanje Akisa abe umugore wiwe.» 17 Nuko Otiniyeli+ mwene Kenazi+, Kenazi mwenewabo na Kalebu, arahafata. Kalebu aca amuha umukobwa wiwe Akisa+ aba umugore wiwe. 18 Maze Akisa ariko araja kwa Otiniyeli, aguma abwira uwo mugabo wiwe ngo asabe itongo se wiwe Kalebu. Akisa aca yururuka indogobwa yari yicayeko* maze Kalebu amubaza ati: «Wipfuza iki+?» 19 Na we ati: «Ndagusavye umpe umuhezagiro. Ko wampaye ahantu humye mu bumanuko*, numpe na Guloti-Mayimu*.» Kalebu aca amuha Guloti ya Ruguru na Guloti y’Epfo.

20 Iyo ni yo ntoranwa umuryango wa Yuda waronse hisunzwe ingo zabo.

21 Ibisagara vyo ku mpera y’akarere k’umuryango wa Yuda, amaja ku rubibe rwa Edomu+ mu bumanuko vyari ibi: Kabuzeli, Ederi, Yaguri, 22 Kina, Dimona, Adada, 23 Kedeshi, Hazori, Itunani, 24 Zifu, Telemu, Beyaloti, 25 Hazori-Hadata, Keriyoti-Hesironi ari ho Hazori, 26 Amamu, Shema, Molada+, 27 Hazari-Gada, Heshimoni, Beti-Peleti+, 28 Hazari-Shuwali, Beri-Sheba+, Biziyotiya, 29 Bayala, Yimu, Esemu, 30 Elitoladi, Kesili, Horuma+, 31 Sikulagi+, Madumana, Sansana, 32 Lebayoti, Shiluhimu, Ayini na Rimoni+: vyose hamwe vyari ibisagara 29 n’ibigwati bihegereye.

33 Mu karere ka Shefela+ hari Eshitayoli, Zora+, Ashina, 34 Zanowa, Eni-Ganimu, Tapuwa, Enamu, 35 Yaramuti, Adulamu+, Soko, Azeka+, 36 Sharayimu+, Aditayimu, na Gedera na Gederotayimu*: vyari ibisagara 14 n’ibigwati bihegereye.

37 Hariho na Zenani, Hadasha, Migidali-Gadi, 38 Dileyani, Mizipe, Yokiteli, 39 Lakishi+, Bozikati, Eguloni, 40 Kaboni, Lahimamu, Kitilishi, 41 Gederoti, Beti-Dagoni, Nayama na Makeda+: vyari ibisagara 16 n’ibigwati bihegereye.

42 Hariho kandi Libuna+, Eteri, Ashani+, 43 Ifuta, Ashina, Nezibu, 44 Keyila, Akizibu na Maresha: vyari ibisagara icenda n’ibigwati bihegereye.

45 Hariho na Ekuroni n’udusagara tuhegukira* be n’ibigwati bihegereye, 46 n’akarere kava i Ekuroni uja mu burengero ushizemwo intara yose iri iruhande ya Ashidodi n’ibigwati bihegereye.

47 Hakaba na Ashidodi+ n’udusagara tuhegukira* be n’ibigwati bihegereye, Gaza+ n’udusagara tuhegukira be n’ibigwati bihegereye, gushika ku mwonga wa Misiri no ku kiyaga Kinini* be n’inkengera yaho+.

48 Mu karere k’imisozi na ho hari Shamiri,Yatiri+, Soko, 49 Dana, Kiriyati-Sana ari yo Debiri, 50 Anabu, Eshitemo+, Animu, 51 Gosheni+, Holoni na Gilo+: vyari ibisagara 11 n’ibigwati bihegereye.

52 Hariho na Arabu, Duma, Eshani, 53 Yanimu, Beti-Tapuwa, Afeka, 54 Humuta, Kiriyati-Aruba ari yo Heburoni+ na Ziyori: vyari ibisagara icenda n’ibigwati bihegereye.

55 Hariho na Mayoni+, Karumeli, Zifu+, Yuta, 56 Yezireli, Yokideyamu, Zanowa, 57 Kayine, Gibeya na Timuna+: vyari ibisagara cumi n’ibigwati bihegereye.

58 Hariho kandi Halihuli, Beti-Suri, Gedori, 59 Mayarati, Beti-Anoti na Elitekoni: vyari ibisagara bitandatu n’ibigwati bihegereye.

60 Hakaba na Kiriyati-Bayali ari yo Kiriyati-Yeyarimu+ na Raba: vyari ibisagara bibiri n’ibigwati bihegereye.

61 Mu bugaragwa hari Beti-Araba+, Midini, Sekaka, 62 Nibushani, igisagara c’Umunyu na Eni-Gedi+: vyari ibisagara bitandatu n’ibigwati bihegereye.

63 Ariko bene Yuda ntibashoboye kwomora+ Abayebusi+ baba i Yeruzalemu+. Ni co gituma Abayebusi bakibana na bo i Yeruzalemu gushika n’uyu musi.

16 Akarere abakomoka kuri Yozefu+ bahawe biciye ku bupfindo+ kava ku ruzi Yorodani hafi y’i Yeriko, kakagenda kerekeza ku mazi ari mu buseruko bwa Yeriko. Kaca gaca mu bugaragwa bwaduga buvuye i Yeriko bugashika mu misozi y’i Beteli+. 2 Kaca kava i Beteli ahegukira igisagara ca Luzi kakabandanya i Ataroti ku rubibe rw’Abaruki. 3 Karaheza kakamanuka mu burengero ku rubibe rw’Abayafuleti, kakagenda gushika ku rubibe rwa Beti-Horoni+ y’Epfo n’i Gezeri+, kakagarukira ku kiyaga.

4 Nuko abakomoka kuri Yozefu+ ari bo Manase na Efurayimu, batorana akarere kabo+. 5 Urubibe rw’abakomoka kuri Efurayimu hisunzwe ingo zabo rwari uru: mu buseruko, akarere batoranye kava i Ataroti-Adari+ kagashika i Beti-Horoni ya Ruguru+, 6 kakabandanya gushika ku kiyaga. Uhereye i Mikimetati+ mu buraruko, urubibe rwakebereza mu buseruko ruja i Tayanati-Shilo n’i Yanowa. 7 Rwaca ruva i Yanowa rukamanuka i Ataroti n’i Nayara, rugaca i Yeriko+ rukagenda gushika kuri Yorodani. 8 Ruvuye i Tapuwa+ rwaca rubandanya mu burengero ku mwonga wa Kana, rukagarukira ku kiyaga+. Iyo ni yo ntoranwa y’umuryango wa Efurayimu hisunzwe ingo zabo. 9 Abakomoka kuri Efurayimu bari bafise n’ibisagara mu karere Manase yatoranye+ hamwe n’ibigwati bivyegukira.

10 Mugabo ntibomoye Abanyakanani baba i Gezeri+. Baracaba mu karere k’Abefurayimu gushika n’uyu musi+, ariko baciye babakoresha ibikorwa vy’agahato+.

17 Maze umuryango wa Manase+, ari we mfura ya Yozefu+, uronka akarere biciye ku bupfindo+. Makiri+ imfura ya Manase akaba na se wa Gileyadi yari umugabo azi kurwana. Yahawe akarere ka Gileyadi n’aka Bashani+. 2 Abasigaye mu bakomoka kuri Manase na bo baronka akarere biciye ku bupfindo, hakurikijwe imiryango yabo. Haronse bene Abiyezeri+, bene Heleki, bene Asiriyeli, bene Shekemu, bene Heferi na bene Shemida. Abo ni bo bagabo bakomoka kuri Manase mwene Yozefu, hakurikijwe imiryango yabo+. 3 Ariko Zelofehadi+ mwene Heferi, Heferi mwene Gileyadi, Gileyadi mwene Makiri, Makiri mwene Manase, nta bahungu yari afise. Yari afise abakobwa gusa. Abo bakobwa bitwa Mahila, Nowa, Hogula, Milika na Tiruza. 4 Baza imbere y’umuherezi Eleyazari+ na Yosuwa mwene Nuni n’abakuru, bababwira bati: «Yehova yategetse Musa kuduha intoranwa muri benewacu+.» Nuko baronka intoranwa cokimwe na benewabo na se, nk’uko Yehova yabitegetse+.

5 Umuryango wa Manase uronka n’iyindi migabane cumi yiyongera ku karere ka Gileyadi na Bashani vyari hakurya ya Yorodani*+. 6 Wayironse kubera ko n’abakobwa bo mu muryango wa Manase batoranye cokimwe n’abahungu bo muri uwo muryango, akarere ka Gileyadi na ko kagahabwa abasigaye mu bakomoka kuri Manase.

7 Urubibe rw’akarere ka Manase rwahera ku mupaka w’akarere ka Asheri rukagenda rwerekeza i Mikimetati+, aharabana na Shekemu+. Rwaca rubandanya mu bumanuko* rugashika ku karere k’ababa i Eni-Tapuwa. 8 Akarere ka Tapuwa+ kegukira bene Manase, mugabo igisagara ca Tapuwa kiri ku rubibe rw’akarere ka Manase cegukira abakomoka kuri Efurayimu. 9 Urwo rubibe rwaramanuka ku mwonga wa Kana mu bumanuko bwawo. Mu bisagara vya bene Manase harimwo ibisagara vyegukira Abefurayimu+. Urubibe rw’akarere ka Manase rwari mu buraruko bw’uwo mwonga, rukagarukira ku kiyaga+. 10 Igice co mu bumanuko cari ic’Abefurayimu, ico mu buraruko kikaba ica bene Manase. Ikiyaga ni co cari urubibe rwa bene Manase+. Mu buraruko bahana* urubibe na bene Asheri, mu buseruko na ho bagahana urubibe na bene Isakari.

11 Mu karere ka Isakari n’aka Asheri, bene Manase baronse Beti-Sheyani n’udusagara tuhegukira*, Ibuleyamu+ n’udusagara tuhegukira na Dori+ n’ababayo n’udusagara tuhegukira. Baronse na Eni-Dori+ n’ababayo n’udusagara tuhegukira, Tanaki+ n’ababayo n’udusagara tuhegukira, na Megido n’ababayo n’udusagara tuhegukira, ibisagara bitatu biri mu misozi.

12 Ariko abakomoka kuri Manase ntibashoboye kwigarurira ivyo bisagara. Abanyakanani baranse kuhava, baguma baba muri ico gihugu+. 13 Abisirayeli bamaze gukomera, baciye bakoresha Abanyakanani ibikorwa vy’agahato+, ariko ntibabomoye bose+.

14 Abakomoka kuri Yozefu babaza Yosuwa bati: «Kubera iki waduhaye* akarere kamwe gusa+ ngo kabe intoranwa yacu? Erega turi benshi cane, kuko Yehova yagumye aduhezagira+.» 15 Yosuwa aca abishura ati: «Nimba muri benshi cane, akarere k’imisozi ka Efurayimu+ kakaba ari gatoyi cane kuri mwebwe, nimuduge mu kibira murabe aho mutema mu gihugu c’Abaperizi+ n’Abarefayimu+.» 16 Abakomoka kuri Yozefu bamwishura bati: «Akarere k’imisozi ntikadukwiye, kandi Abanyakanani baba mu kiyaya, ab’i Beti-Sheyani+ n’udusagara tuhegukira* hamwe n’abo mu kiyaya ca Yezireli+, bose bafise imikogote y’intambara+ iriko ibibugita ku mapine*.» 17 Yosuwa aca abwira abakomoka kuri Yozefu, ni ukuvuga Abefurayimu na bene Manase ati: «Muri benshi cane kandi murakomeye cane. Ntimuzoronka akarere kamwe gusa+, 18 muzoronka n’akarere k’imisozi+. Naho hari ikibira, muzohatema kandi ni ho akarere kanyu kazogarukira. Muzokwomora Abanyakanani naho bakomeye bakagira n’imikogote y’intambara iriko ibibugita ku mapine*+.»

18 Maze ishengero ryose ry’Abisirayeli rikoranira i Shilo+, bahashinga ihema ry’ibonaniro+ kuko ari bo bari basigaye baganza ico gihugu+. 2 Mugabo hari hagisigaye imiryango indwi y’Abisirayeli itari bwahabwe intoranwa. 3 Nuko Yosuwa abwira Abisirayeli ati: «Kubera iki muguma muteba kuja kwigarurira igihugu Yehova Imana ya ba sokuruza banyu yabahaye+? 4 Umuryango wose numpe abagabo batatu kugira ndabarungike kugendura ico gihugu. Bazotunganya igicapo caho bisunze intoranwa umuryango wose uzoronka, baheze bagaruke aho ndi. 5 Bazogicamwo imigabane indwi+. Bene Yuda bazoguma mu karere kabo mu bumanuko+, bene Yozefu na bo bagume mu karere kabo mu buraruko+. 6 Muzocape rero ico gihugu mugicemwo imigabane indwi, hanyuma mubinzanire. Nanje nzoheza ndakibagaburire biciye ku bupfindo+, aha nyene imbere ya Yehova Imana yacu. 7 Ariko Abalewi nta mugabane bazoronka muri mwebwe+, kuko igikorwa c’ubuherezi bakorera Yehova ari yo ntoranwa yabo+. Umuryango wa Gadi na wo, uwa Rubeni n’igice c’umuryango wa Manase+ baramaze kuronka intoranwa yabo mu buseruko bwa Yorodani. Musa umusavyi wa Yehova ni we yayibahaye.»

8 Nya bagabo rero bitegurira urugendo, maze Yosuwa ategeka abari bagiye gucapa ico gihugu ati: «Gende mugendure ico gihugu, mugicape muce mugaruka aho ndi. Nanje nzoheza ndakibagaburire biciye ku bupfindo, aha nyene i Shilo imbere ya Yehova+.» 9 Nuko baragenda, banyuragira muri ico gihugu maze bagicapa mu gitabu bakurikije ibisagara biriyo, bakigabura mu migabane indwi. Hanyuma bagaruka aho Yosuwa ari kw’ikambi i Shilo. 10 Yosuwa aca agaburira Abisirayeli igihugu biciye ku bupfindo aho nyene i Shilo imbere ya Yehova+, umuryango wose uronka umugabane wawo+.

11 Ubupfindo bwa mbere bugwa ku muryango wa Benyamini hisunzwe ingo ziwugize, maze baronka akarere kari hagati ya bene Yuda+ na bene Yozefu+. 12 Mu buraruko, urubibe rwabo rwahera kuri Yorodani, rukabandanya ku mumanuko wa Yeriko+ uri mu buraruko, rugaca ruduga mu misozi rwerekeza mu burengero, rukagenda gushika mu bugaragwa bwa Beti-Aveni+. 13 Rwaca ruva aho rukabandanya gushika i Luzi ari ho Beteli+, ku mudugo waho wo mu bumanuko. Rwaramanuka rwerekeza i Ataroti-Adari+ ku musozi uri mu bumanuko bwa Beti-Horoni y’Epfo+. 14 Mu burengero, urwo rubibe rwahera ku musozi uri mu bumanuko bwa Beti-Horoni, rugaca rukebereza mu bumanuko rukagarukira i Kiriyati-Bayali, ni ukuvuga Kiriyati-Yeyarimu+, igisagara ca Yuda. Urwo rwari urubibe rwo mu burengero.

15 Mu bumanuko, urwo rubibe rwahera ku mpera ya Kiriyati-Yeyarimu, rukabandanya mu burengero gushika kw’isoko ry’amazi rya Nefutowa+. 16 Rwaramanuka rwerekeza ku mpera y’umusozi urabana n’umubande wa mwene Hinomu+ uri mu buraruko bw’ikiyaya ca Refayimu+. Rwaca rumanuka mu mubande wa Hinomu, rukagenda rugana umudugo uri mu bumanuko bw’igisagara c’Abayebusi+ gushika i Eni-Rogeli+. 17 Urwo rubibe rwaca rugenda amaja mu buraruko gushika i Eni-Shemeshi, rukabandanya i Geliloti aharabana n’umudugo wa Adumimu+, rukamanuka rugana kw’ibuye+ rya Bohani+ mwene Rubeni. 18 Rwarabandanya ku mumanuko wo mu buraruko urabana n’akarere ka Araba, rugaca rumanuka muri ako karere nyene ka Araba. 19 Nya rubibe rwaca rubandanya ku mumanuko wo mu buraruko wa Beti-Hogula+, rukagarukira ku kigobe co mu buraruko bw’ikiyaga c’Umunyu+ aho Yorodani rwisuka*. Urwo rwari urubibe rwo mu bumanuko. 20 Uruzi Yorodani ni rwo rwari urubibe rwabo mu buseruko. Urwo ni rwo rwari urubibe rw’intoranwa yahawe abakomoka kuri Benyamini hisunzwe ingo zabo, ku mpande zose.

21 Ibi ni vyo bisagara vy’umuryango wa Benyamini hisunzwe ingo ziwugize: Yeriko, Beti-Hogula, Emeki-Kezizi, 22 Beti-Araba+, Zemarayimu, Beteli+, 23 Avimu, Para, Ofura, 24 Kefari-Amoni, Ofuni na Geba+: vyari ibisagara 12 n’ibigwati bihegereye.

25 Bari bafise na Gibeyoni+, Rama, Beroti, 26 Mizipe, Kefira, Moza, 27 Rekemu, Irupeli, Tarala, 28 Zela+, Ha-Elefu, Yebusi ari yo Yeruzalemu+, Gibeya+ na Kiriyati: vyari ibisagara 14 n’ibigwati bihegereye.

Iyo ni yo yabaye intoranwa y’abakomoka kuri Benyamini hisunzwe ingo zabo.

19 Maze ubupfindo bugira kabiri+ bugwa kuri Simeyoni, ni ukuvuga ku muryango wa Simeyoni+ hisunzwe ingo ziwugize. Intoranwa yabo yari mu karere Yuda yatoranye+. 2 Batoranye Beri-Sheba+ na Sheba, Molada+, 3 Hazari-Shuwali+, Bala, Esemu+, 4 Elitoladi+, Betuli, Horuma, 5 Sikulagi+, Beti-Marikaboti, Hazari-Susa, 6 Beti-Lebayoti+ na Sharuheni: ibisagara 13 n’ibigwati bihegereye. 7 Ibindi bisagara batoranye ni Ayini, Rimoni, Eteri na Ashani+: ibisagara bine n’ibigwati bihegereye. 8 Baronse n’ibigwati vyose vyari irya n’ino y’ivyo bisagara gushika i Bayalati-Beri ari yo Rama yo mu bumanuko. Iyo ni yo yabaye intoranwa y’umuryango wa Simeyoni hisunzwe ingo ziwugize. 9 Intoranwa y’abakomoka kuri Simeyoni yakuwe ku mugabane wa bene Yuda, kuko umugabane wabo wari munini cane kuri bo. Abakomoka kuri Simeyoni rero baronse intoranwa mu karere bene Yuda batoranye+.

10 Ubupfindo bugira gatatu+ bugwa ku bakomoka kuri Zabuloni+, hisunzwe ingo zabo. Urubibe rw’intoranwa yabo rwaragenda gushika i Saridi. 11 Rwaraduga mu burengero rwerekeza i Mareyali, rugashika i Dabesheti no ku mwonga urabana na Yokineyamu. 12 Rwarava i Saridi rukerekeza mu buseruko ku mupaka wa Kisiloti-Tabora, rukabandanya i Daberati+, rugaca ruduga i Yafiya. 13 Ruvuye ng’aho rwaca rubandanya mu buseruko i Gati-Heferi+, rugashika i Eti-Kazini, rukabandanya i Rimoni gushika i Neya. 14 Mu buraruko rwaca rukebereza i Hanatoni, rukagarukira ku mubande wa Ifuta-Eli. 15 Akarere kabo karimwo n’igisagara ca Katati, Nahalali, Shimuroni+, Idala na Betelehemu+: ibisagara 12 n’ibigwati bihegereye. 16 Iyo ni yo yabaye intoranwa y’abakomoka kuri Zabuloni hisunzwe ingo zabo+. Ivyo ni vyo vyari ibisagara vyabo n’ibigwati bihegereye.

17 Ubupfindo bugira kane+ bugwa kuri Isakari+, ni ukuvuga abakomoka kuri Isakari, hisunzwe ingo zabo. 18 Urubibe rwabo rwaca i Yezireli+, i Kesuloti, i Shunemu+, 19 i Hafarayimu, i Shiyoni, i Anaharati, 20 i Rabiti, i Kishiyoni, i Ebezi, 21 i Remeti, i Eni-Ganimu+, i Eni-Hada n’i Beti-Pazezi. 22 Urwo rubibe rwarashika n’i Tabora+, i Shahazuma n’i Beti-Shemeshi, rukagarukira kuri Yorodani: vyose vyari ibisagara 16 n’ibigwati bihegereye. 23 Iyo ni yo yabaye intoranwa y’umuryango wa Isakari hisunzwe ingo ziwugize+. Ivyo ni vyo vyari ibisagara vyabo n’ibigwati bihegereye.

24 Maze ubupfindo bugira gatanu+ bugwa ku muryango wa Asheri+ hisunzwe ingo ziwugize. 25 Urubibe rwabo rwaca i Helikati+, i Hali, i Beteni, i Akishafu, 26 i Alameleki, i Amadi n’i Mishali. Mu burengero rwashika i Karumeli+ n’i Shihori-Libunati, 27 rugaca ruhindukira mu buseruko rwerekeza i Beti-Dagoni, rugashika ku karere ka Zabuloni no ku mubande wa Ifuta-Eli mu buraruko. Rwarabandanya i Beti-Emeki n’i Neyeli, rugashika ku ruhande rw’ibubamfu rw’igisagara ca Kabuli. 28 Rwaca rubandanya i Eburoni, i Rehobu, i Hamoni, i Kana gushika mu gisagara kinini ca Sidoni+. 29 Nya rubibe rwarahindukira rwerekeza i Rama gushika ku gisagara gikingijwe ibihome ca Tiro+. Rwaca rusubira guhindukira rukerekeza i Hosa, rukagarukira ku kiyaga mu karere ka Akizibu, 30 na Uma, na Afeki+ na Rehobu+: vyose vyari ibisagara 22 n’ibigwati bihegereye. 31 Iyo ni yo yabaye intoranwa y’umuryango wa Asheri hisunzwe ingo ziwugize+. Ivyo ni vyo vyari ibisagara vyabo n’ibigwati bihegereye.

32 Ubupfindo bugira gatandatu+ bugwa ku bakomoka kuri Nafutali hisunzwe ingo zabo. 33 Urubibe rwabo rwahera i Helefu, kuva ku giti kinini c’i Zayananimu+ rukabandanya i Adami-Nekebu n’i Yabuneli gushika i Lakumu, rukagarukira kuri Yorodani. 34 Rwarahindukira mu burengero rwerekeza i Azinoti-Tabora, hanyuma rukabandanya i Hukoka rugashika kwa Zabuloni mu bumanuko, kwa Asheri mu burengero no kwa Yuda kuri Yorodani, amaja mu buseruko. 35 Ibisagara vyabo bikingijwe ibihome vyari Zidimu, Zeru, Hamati+, Rakati, Kinereti, 36 Adama, Rama, Hazori+, 37 Kedeshi+, Edireyi, Eni-Hazori, 38 Yironi, Migidali-Eli, Horemu, Beti-Anati na Beti-Shemeshi+: vyose vyari ibisagara 19 n’ibigwati bihegereye. 39 Iyo ni yo yabaye intoranwa y’umuryango wa Nafutali hisunzwe ingo ziwugize+. Ivyo ni vyo vyari ibisagara vyabo n’ibigwati bihegereye.

40 Ubupfindo bugira indwi+ bugwa ku muryango wa Dani+ hisunzwe ingo ziwugize. 41 Urubibe rw’intoranwa yabo rwaca i Zora+, i Eshitayoli, i Iri-Shemeshi, 42 i Shalabini+, i Ayaloni+, i Itula, 43 i Eloni, i Timuna+, i Ekuroni+, 44 i Eliteke, i Gibetoni+, i Bayalati, 45 i Yehudu, i Bene-Beraki, i Gati-Rimoni+, 46 i Me-Yarukoni n’i Rakoni, rukaba rwaca hafi y’i Yopa+. 47 Ariko akarere ka bene Dani kabaye gato cane kuri bo+. Baciye baduga gutera igisagara ca Leshemu+ maze baragifata, abaho babicisha inkota. Nuko baracigarurira maze bakibamwo, izina ryaco Leshemu baca bararihindura bacita Dani bafatiye kuri Dani sekuruza wabo+. 48 Iyo ni yo yabaye intoranwa y’umuryango wa Dani hisunzwe ingo ziwugize. Ivyo ni vyo vyari ibisagara vyabo n’ibigwati bihegereye.

49 Nuko Abisirayeli barangiza kugabura uturere tw’ico gihugu ngo baronke intoranwa, baraheza baha Yosuwa mwene Nuni intoranwa mu gihugu cabo. 50 Bamuha igisagara yasavye ari co Timunati-Sera+, mu karere k’imisozi ka Efurayimu, bakurikije itegeko rya Yehova. Yosuwa aca asanura ico gisagara, araheza akibamwo.

51 Izo ni zo ntoranwa umuherezi Eleyazari na Yosuwa mwene Nuni n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango ya Isirayeli bagaburiye Abisirayeli+ biciye ku bupfindo. Babigiriye i Shilo+ imbere ya Yehova, ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro+. Nuko barangiza kugabura igihugu.

20 Maze Yehova abwira Yosuwa ati: 2 «Bwira Abisirayeli uti: “Nimwitorere vya bisagara vy’ubuhungiro+ nababwiye biciye kuri Musa, 3 kugira ngo uwishe umuntu atabishaka canke biturutse kw’isanganya ahungireyo. Ni ho muzohungira uwuhora amaraso y’uwishwe+. 4 Uwishe umuntu aze ahungire muri kimwe muri ivyo bisagara+, ahagarare kw’irembo ryaco+ maze ashikirize ikibazo ciwe abashingantahe b’ico gisagara. Baze bamwakire mu gisagara, bamuhe aho kuba, abane na bo. 5 Uwuhora amaraso y’uwishwe niyamwoma inyuma, ntibaze rero bamumuhe kuko yishe mugenziwe biturutse kw’isanganya kandi akaba atari asanzwe amwanka+. 6 Uwo yishe umuntu aze abe muri ico gisagara gushika arengutse imbere y’ishengero*+ ngo acirwe urubanza, kandi aze agumeyo gushika umuherezi mukuru azoba ariho ico gihe apfuye+. Azoheza rero asubire mu gisagara yahunze avamwo, aje mu rugo iwe+.”»

7 Nuko batora ibisagara bikurikira*: igisagara ca Kedeshi+ kiri i Galilaya mu karere k’imisozi ka Nafutali, ica Shekemu+ kiri mu karere k’imisozi ka Efurayimu, n’ica Kiriyati-Aruba+, ari co Heburoni, kiri mu karere k’imisozi ka Yuda. 8 Mu karere ka Yorodani, mu buseruko bwa Yeriko, batora igisagara ca Bezeri+ mu bugaragwa buri ku mataba yo mu karere k’umuryango wa Rubeni. Batora n’igisagara ca Ramoti+ kiri i Gileyadi mu karere k’umuryango wa Gadi, be n’igisagara ca Golani+ kiri muri Bashani mu karere k’umuryango wa Manase+.

9 Ivyo ni vyo bisagara vyashiriweho Abisirayeli bose n’abanyamahanga baba muri bo. Babishizeho kugira ngo uwo wese yishe umuntu atabishaka ahungireyo+, ntahave yicwa n’uwuhora amaraso y’uwishwe, atararenguka imbere y’ishengero ngo bamucire urubanza+.

21 Nuko abakuru b’imigwi mikurumikuru igize umuryango w’Abalewi baza kuraba umuherezi Eleyazari+ na Yosuwa mwene Nuni n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango ya Isirayeli 2 i Shilo+ mu gihugu ca Kanani. Bababwira bati: «Yehova yategetse biciye kuri Musa ko duhabwa ibisagara vyo kubamwo n’amatongo yavyo yo kuragiramwo ibitungwa vyacu+.» 3 Abisirayeli bakurikiza rero itegeko rya Yehova, baha Abalewi ivyo bisagara+ n’amatongo yavyo yo kuragiramwo, babikuye mu ntoranwa yabo+.

4 Ubupfindo bwa mbere bugwa ku miryango y’Abakohati+, maze Abalewi bakomoka ku muherezi Aroni bahabwa biciye ku bupfindo ibisagara 13 mu karere k’umuryango wa Yuda+, uwa Simeyoni+ n’uwa Benyamini+.

5 Abakohati basigaye baronka* ibisagara cumi mu karere k’umuryango wa Efurayimu+, uwa Dani n’igice c’umuryango wa Manase+.

6 Abagerushoni+ na bo baronka ibisagara 13 mu karere k’umuryango wa Isakari, uwa Asheri, uwa Nafutali no muri Bashani mu karere kegukira igice c’umuryango wa Manase+.

7 Imiryango y’Abamerari+ ironka ibisagara 12 mu karere k’umuryango wa Rubeni, uwa Gadi n’uwa Zabuloni+.

8 Abisirayeli rero baha Abalewi ibisagara n’amatongo yavyo yo kuragiramwo biciye ku bupfindo, nk’uko nyene Yehova yari yarabitegetse biciye kuri Musa+.

9 Mu karere k’umuryango wa Yuda n’ak’uwa Simeyoni batanze ibi bisagara bigira bivugwe amazina+. 10 Vyahawe Abalewi bakomoka kuri Aroni bari mu miryango y’Abakohati, kubera ko ari bo ubupfindo bwaguyeko ubwa mbere. 11 Babahaye Kiriyati-Aruba+, ari yo Heburoni+ n’amatongo yo kuragiramwo ahakikuje. Kiriyati-Aruba yari mu karere k’imisozi ka Yuda (Aruba yari se wa Anaki). 12 Mugabo akarere gakikuje ico gisagara n’ibigwati bihegereye babihaye Kalebu mwene Yefune+.

13 Ibi rero ni vyo bisagara abakomoka ku muherezi Aroni bahawe: igisagara uwishe umuntu ahungiramwo+, ari co Heburoni+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Libuna+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo, 14 Yatiri+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Eshitemowa+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo, 15 Holoni+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Debiri+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo, 16 Ayini+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Yuta+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo, na Beti-Shemeshi n’amatongo yaho yo kuragiramwo. Vyose hamwe vyari ibisagara icenda vyo mu karere k’umuryango wa Yuda n’uwa Simeyoni.

17 Mu karere k’umuryango wa Benyamini hatanzwe ibi bisagara: Gibeyoni+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Geba n’amatongo yaho yo kuragiramwo+, 18 Anatoti+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Alumoni n’amatongo yaho yo kuragiramwo. Vyose hamwe vyari ibisagara bine.

19 Ibisagara vyose abakomoka kuri Aroni, ni ukuvuga abaherezi, bahawe vyari 13 n’amatongo yavyo yo kuragiramwo+.

20 Abandi Balewi bo mu miryango y’Abakohati bahabwa ibisagara mu karere k’umuryango wa Efurayimu biciye ku bupfindo. 21 Babaha igisagara uwishe umuntu ahungiramwo+, ari co Shekemu+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo mu karere k’imisozi ka Efurayimu. Babaha na Gezeri+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo, 22 Kibuzayimu n’amatongo yaho yo kuragiramwo, na Beti-Horoni+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo. Vyose hamwe vyari ibisagara bine.

23 Mu karere k’umuryango wa Dani hatanzwe ibi bisagara: Eliteke n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Gibetoni n’amatongo yaho yo kuragiramwo, 24 Ayaloni+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Gati-Rimoni n’amatongo yaho yo kuragiramwo. Vyose hamwe vyari ibisagara bine.

25 Mu karere k’igice c’umuryango wa Manase hatanzwe ibi bisagara: Tanaki+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Gati-Rimoni n’amatongo yaho yo kuragiramwo. Vyose hamwe vyari ibisagara bibiri.

26 Ibisagara vyose abasigaye bo mu miryango y’Abakohati baronse vyari cumi hamwe n’amatongo yavyo yo kuragiramwo.

27 Abalewi bo mu miryango y’Abagerushoni+ baronka mu gice c’umuryango wa Manase igisagara uwishe umuntu ahungiramwo, ari co Golani+ mu karere ka Bashani n’amatongo yaho yo kuragiramwo, na Beshitera n’amatongo yaho yo kuragiramwo. Vyose hamwe vyari ibisagara bibiri.

28 Mu karere k’umuryango wa Isakari+ hatanzwe ibi bisagara: Kishiyoni n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Daberati+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo, 29 Yaramuti n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Eni-Ganimu n’amatongo yaho yo kuragiramwo. Vyose hamwe vyari ibisagara bine.

30 Mu karere k’umuryango wa Asheri+ hatanzwe ibi bisagara: Mishali n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Abudoni n’amatongo yaho yo kuragiramwo, 31 Helikati+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Rehobu+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo. Vyose hamwe vyari ibisagara bine.

32 Mu karere k’umuryango wa Nafutali hatanzwe ibi bisagara: igisagara uwishe umuntu ahungiramwo+, ari co Kedeshi+ muri Galilaya n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Hamoti-Dori n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Karitani n’amatongo yaho yo kuragiramwo. Vyose hamwe vyari ibisagara bitatu.

33 Ibisagara vyose imiryango y’Abagerushoni yaronse vyari 13 n’amatongo yavyo yo kuragiramwo.

34 Abo mu miryango y’Abamerari+, ni ukuvuga Abalewi basigaye, baronka ibi bisagara mu karere k’umuryango wa Zabuloni+: Yokineyamu+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Karuta n’amatongo yaho yo kuragiramwo, 35 Dimuna n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Nahalali+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo. Vyose hamwe vyari ibisagara bine.

36 Mu karere k’umuryango wa Rubeni hatanzwe ibi bisagara: Bezeri+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Yahazi n’amatongo yaho yo kuragiramwo+, 37 Kedemoti n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Mefati n’amatongo yaho yo kuragiramwo. Vyose hamwe vyari ibisagara bine.

38 Mu karere k’umuryango wa Gadi+ hatanzwe ibi bisagara: igisagara uwishe umuntu ahungiramwo, ari co Ramoti i Gileyadi+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Mahanayimu+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo, 39 Heshiboni+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Yazeri+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo. Vyose hamwe vyari ibisagara bine.

40 Ibisagara vyose imiryango y’Abamerari yaronse, ari na yo miryango y’Abalewi yari isigaye, vyari 12.

41 Ibisagara vyose Abalewi bahawe mu gihugu c’Abisirayeli vyari 48 n’amatongo yavyo yo kuragiramwo+. 42 Kimwekimwe cose muri ivyo bisagara cari gikikujwe n’amatongo yo kuragiramwo.

43 Nuko Yehova aha Abisirayeli igihugu cose yari yararahiye ko azoha ba sekuruza+, baraheza baracigarurira, bakibamwo+. 44 Vyongeye, Yehova abaha amahoro* mu gihugu cose, nk’uko yari yarabirahiye ba sekuruza+. Nta n’umwe mu bansi babo bose yashoboye kubatsinda+. Yehova yarabafashije kubatsinda bose+. 45 Nta kintu* na kimwe mu bintu vyiza vyose Yehova yari yarasezeraniye ihanga rya Isirayeli kitashitse. Vyose yarabikoze+.

22 Maze Yosuwa ahamagara Abarubeni n’Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase. 2 Ababwira ati: «Mwarakoze ivyo Musa umusavyi wa Yehova yabategetse vyose+, kandi nanje mwaranyumviye muragamburuka ivyo nabategetse vyose+. 3 Iki gihe cose kihaciye ntimwigeze muheba benewanyu gushika n’uyu musi+, kandi mwaragamburutse ibwirizwa rya Yehova Imana yanyu+. 4 Yehova Imana yanyu yamaze guha amahoro benewanyu, nk’uko nyene yabibasezeraniye+. Ubu murashobora kwisubirira iwanyu*, mu karere Musa umusavyi wa Yehova yabahaye hakurya ya Yorodani*+. 5 Ariko mwitwararike cane kugamburuka ibwirizwa n’amategeko Musa umusavyi wa Yehova yabahaye+, mu gukunda Yehova Imana yanyu+, mu kwama mugendera mu nzira adusaba gucamwo+, mu kwubahiriza amabwirizwa yiwe+, mu kumugumako+ no mu kumukorera+ n’umutima wanyu wose n’ubuzima bwanyu bwose+.»

6 Yosuwa aca arabahezagira hanyuma arabarungika baja iwabo. 7 Igice c’umuryango wa Manase, Musa yari yaragihaye intoranwa muri Bashani+, ikindi gice na co Yosuwa agiha intoranwa mu burengero bwa Yorodani+ hamwe na benewabo. Igihe rero Yosuwa yabarungika iwabo yarabahezagiye, 8 ababwira ati: «Nimwisubirire iwanyu, mujane amatungo menshi n’ibitungwa vyinshi cane, n’ifeza n’inzahabu n’ibikozwe mu mujumpu n’ibikozwe mu cuma n’impuzu nyinshi cane+. Nimutware ivyo mwasahuye+ abansi banyu, mubigabure na benewanyu.»

9 Inyuma y’ivyo, Abarubeni n’Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase bavana n’abandi Bisirayeli. Bava i Shilo mu gihugu ca Kanani, basubira mu karere ka Gileyadi+. Ni ko karere bari barahawe ngo bakabemwo, nk’uko Yehova yabitegetse biciye kuri Musa+. 10 Abarubeni n’Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase bashitse mu karere ka Kanani kari hafi ya Yorodani, baca bubaka igicaniro kinini cane iruhande ya Yorodani. 11 Mu nyuma, abandi Bisirayeli bumva amakuru+ avuga ngo: «Abarubeni n’Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase bubatse igicaniro ku mupaka w’igihugu ca Kanani mu karere kari hafi ya Yorodani, ku ruhande rutwegukira.» 12 Bakivyumva ishengero ryose ry’Abisirayeli rica rikoranira i Shilo+ kugira ngo baje kubatera.

13 Maze Abisirayeli batuma Finehasi+ mwene Eleyazari umuherezi ku Barubeni n’Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase mu karere ka Gileyadi, 14 ari kumwe n’abakuru cumi. Umukuru wese yaserukira umwe mu migwi mikurumikuru igize imiryango ya Isirayeli, akaba kandi yari umukuru w’umugwi avamwo, mu bantu ibihumbi bo muri Isirayeli+. 15 Bamaze gushika mu karere ka Gileyadi, babwira Abarubeni n’Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase bati:

16 «Ibi ni vyo ishengero ryose rya Yehova rivuze: “Kubera iki mwahemukiye+ Imana ya Isirayeli? Raba uyu musi muteye akagere Yehova. Mwiyubakiye igicaniro, mugarariza Yehova+. 17 Mbega ikosa ry’i Peyori ribaye rito? Honyene gushika n’uyu musi ntiriratuvako naho ishengero rya Yehova ryahanishijwe icago+. 18 None namwe ubu mushaka gutera akagere Yehova? Mugararije Yehova uyu musi, ejo azoca ashavurira ishengero ryose rya Isirayeli+. 19 Nimba na ho mwabikoze kubera ko igihugu mwahawe gihumanye, nimujabuke muze kubana natwe mu gihugu ca Yehova+, ahaba ihema ryeranda* rya Yehova+. Mugabo ntimugararize Yehova mu kwiyubakira igicaniro kandi hasanzwe hariho igicaniro ca Yehova Imana yacu, ngo mutume natwe twitwa abagarariji+. 20 Mbega igihe Akani+ mwene Zera yarenga kw’itegeko Imana yari yatanze ku bijanye n’ibintu vyabwirizwa gutikizwa, Imana ntiyashavuriye ishengero ryose rya Isirayeli+? Kandi si we wenyene yahitanywe n’ikosa ryiwe+.”»

21 Nuko Abarubeni n’Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase bishura ba bakuru baserukira imiryango* ya Isirayeli+ bati: 22 «Imana Nyenububasha Yehova*, Imana Nyenububasha Yehova+ irabizi. Isirayeli na yo nyene irabimenya. Nimba twaragararije Yehova tukamuhemukira, ntadukize uyu musi. 23 Nimba twiyubakiye igicaniro kugira dutere akagere Yehova, no kugira ngo tugitangeko amashikanwa aturirwa n’amashikanwa y’intete n’ibimazi vyo gusangira, Yehova azobiduhanira+. 24 Twacubatse riho kubera iyindi mvo. Twibwiye duti: “Muri kazoza abana banyu bazobwira abana bacu bati: ‘Nta burenganzira mufise bwo gusenga Yehova Imana ya Isirayeli. 25 Yehova yashinze ko uruzi Yorodani ruba urubibe hagati yacu namwe Abarubeni n’Abagadi. Nta burenganzira mufise bwo gusenga Yehova*.’ Abana banyu rero bazobuza abana bacu gusenga* Yehova.”

26 Twaciye tuvuga duti: “Dutegerezwa kugira ico dukoze, twubake igicaniro. Ntikizoba ari ico gutangako amashikanwa aturirwa canke ibimazi. 27 Ahubwo kizoba icabona hagati yacu namwe+ be n’abazodukomokako*. Kizoba icabona yuko tuzokorera Yehova, tukamushikanira amashikanwa aturirwa n’ibimazi vyo gusangira be n’ibindi bimazi+, kugira ngo abana banyu ntibaze babwire abana bacu muri kazoza ngo: ‘Nta burenganzira mufise bwo gusenga Yehova.’” 28 Twibwiye rero duti: “Muri kazoza nibatubwira ivyo, twebwe hamwe n’abazodukomokako* tuzoca tubishura duti: ‘Ehe igicaniro ba sokuruza bacu bubatse gisa n’ica Yehova. Si ico gutangako amashikanwa aturirwa canke ibimazi, ahubwo ni icabona hagati yacu namwe.’” 29 Ntitwokwubahuka kugarariza Yehova, ngo dutere akagere Yehova+ uyu musi mu kwubaka igicaniro co gutangako amashikanwa aturirwa, amashikanwa y’intete n’ibimazi, kandi hasanzwe hariho igicaniro ca Yehova Imana yacu kiri imbere y’ihema ryiwe ryeranda+.»

30 Umuherezi Finehasi n’abakuru b’ishengero n’abakuru baserukira imiryango* ya Isirayeli bari kumwe na we, bumvise amajambo abakomoka kuri Rubeni, Gadi na Manase bavuze, barabishima+. 31 Nuko Finehasi mwene Eleyazari umuherezi abwira abakomoka kuri Rubeni, Gadi na Manase ati: «Uno musi turamenye ko Yehova ari kumwe natwe, kuko mutakoze ico kintu c’ubuhemu ngo mugararize Yehova. Muratabaye Abisirayeli, Yehova ntakibahanye.»

32 Finehasi mwene Eleyazari umuherezi na ba bakuru baca bava i Gileyadi mu karere k’Abarubeni n’Abagadi, basubira mu gihugu ca Kanani. Bazanira abandi Bisirayeli inkuru y’imvaho. 33 Bishimisha Abisirayeli, baca bashemeza Imana. Ntibongera kuvuga ivyo gutera Abarubeni n’Abagadi ngo bahonye igihugu cabo.

34 Nuko Abarubeni n’Abagadi bita izina ico gicaniro*, kuko bavuze bati: «Ni icabona hagati yacu namwe yuko Yehova ari we Mana y’ukuri.»

23 Haciye imisi myinshi Yehova aruhuye Isirayeli+ abansi bayo bose bari bayikikuje, Yosuwa na we akaba yari ashaje ageze mu zabukuru+, 2 Yosuwa atumako Isirayeli yose+, abashingantahe, abakuru, abacamanza n’abarongoye abandi+. Ababwira ati: «Nashaje, ngeze mu zabukuru. 3 Mwariboneye ibintu vyose Yehova Imana yanyu yakoreye aya mahanga yose ku bwanyu, kuko Yehova Imana yanyu ari we yabarwanira+. 4 Nabahaye biciye ku bupfindo+ akarere k’amahanga mutaromora ngo kabe intoranwa y’imiryango yanyu+. Nabahaye n’akarere k’amahanga yose natikije+, kuva kuri Yorodani gushika ku kiyaga Kinini* mu burengero. 5 Yehova Imana yanyu ni we yagumye ahindira kure yanyu ababa muri ayo mahanga+, arabomora ku bwanyu maze mwigarurira igihugu cabo, nk’uko nyene Yehova Imana yanyu yabibasezeraniye+.

6 «Rero mugire umutima rugabo kandi mukomere kugira mukurikize ivyanditswe mu gitabu c’amategeko+ ya Musa vyose, muvyubahirize. Ntimuze mwigere mubirengako ngo mukebereze iburyo canke ibubamfu+, 7 kandi ntimuze mwigere mwifatanya n’ayo mahanga+ agisigaye mu gihugu. Ntimuze munacishe mu kanwa amazina y’imana zabo+ canke ngo muyakoreshe mu kurahira. Ntimuze mwigere mukorera izo mana canke ngo muzunamire+. 8 Ahubwo muze mugume kuri Yehova Imana yanyu+, nk’uko mwabigize gushika n’uyu musi. 9 Yehova azokwomora imbere yanyu amahanga ahambaye kandi akomeye, abave imbere+. Nakare nta muntu n’umwe arashobora kubatsinda gushika n’uyu musi+. 10 Umugabo umwe gusa muri mwebwe azokinagiza igihumbi+, kuko Yehova Imana yanyu ari we abarwanira+, nk’uko nyene yabibasezeraniye+. 11 Mugume rero muri maso*+, mubigire mu gukunda Yehova Imana yanyu+.

12 «Mugabo nimwaramuka mumuhevye mukifatanya n’abo mu mahanga asigaye+ mu gihugu, mugahana abageni+ mukongera mukagenderanira, 13 mumenye neza ko Yehova Imana yanyu atazobandanya kwomora ayo mahanga ku bwanyu+. Ayo mahanga azobabera nk’umutego n’urusenga bategesha, nk’ikimoko kibakubita mu mbavu+. Azobabera kandi nk’amahwa mu maso yanyu, gushika muzimanganye muri iki gihugu ciza Yehova Imana yanyu yabahaye.

14 «Ubu ndi mu gupfa*. Mwebwe ubwanyu murazi neza* yuko ata kintu na kimwe mu bintu vyiza vyose Yehova Imana yanyu yabasezeraniye kitashitse. Vyose vyarabaye ku neza yanyu. Nta na kimwe kitashitse+. 15 Mugabo kurya nyene ibintu vyiza vyose Yehova Imana yanyu yabasezeraniye vyashitse mukavyibonera+, ni ko Yehova azobazanako ivyago vyose yavuze ko bizobashikira*. Yehova Imana yanyu azobarandura muri iki gihugu ciza yabahaye+. 16 Nimwahonyanga isezerano Yehova Imana yanyu yabategetse kwubahiriza, mukaja gukorera izindi mana no kuzunamira, Yehova azoca abashavurira cane+. Ntimuzoteba kuzimangana mu gihugu ciza yabahaye+.»

24 Maze Yosuwa akoranya imiryango yose ya Isirayeli i Shekemu, atumako abashingantahe bo muri Isirayeli, abakuru, abacamanza n’abarongoye abandi+, bahagarara imbere y’Imana y’ukuri. 2 Yosuwa aca abwira abantu bose ati: «Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: “Kera ba sokuruza banyu+ baba hakurya ya rwa ruzi runini* kandi basenga* izindi mana+. Umwe muri bo ni Tera se wa Aburahamu na Nahori.

3 Mu nyuma, narakuye sokuruza wanyu Aburahamu+ hakurya ya rwa ruzi runini*, ndamujana mu gihugu ca Kanani akinyuragiramwo cose, ngwiza n’uruvyaro* rwiwe+. Namuhaye Izahaki+, 4 Izahaki na we ndamuha Yakobo na Esawu+. Esawu nahavuye ndamuha umusozi Seyiri+, Yakobo n’uruvyaro rwiwe na bo bamanuka mu Misiri+. 5 Mu nyuma narungitse Musa na Aroni+ maze nteza ivyago Misiri+, mwebwe nca ndabakurayo. 6 Igihe nakura ba so na ba sogokuru banyu mu Misiri+ bagashika ku kiyaga, Abanyamisiri baciye baboma inyuma n’imikogote y’intambara n’abarwanira ku mafarasi gushika ku kiyaga Gitukura+. 7 Ba so na ba sogokuru banyu batangura kuntabaza jewe Yehova+. Naciye nshira umwiza hagati yanyu n’Abanyamisiri hanyuma ndabateranirizako ikiyaga kirabamira+. Amaso yanyu yariboneye ivyo nakoreye mu Misiri+. Mwaciye mumara imyaka* myinshi muba mu bugaragwa+.

8 Maze ndabazana mu gihugu c’Abamori baba hakurya ya Yorodani*, barabarwanya+. Mugabo narabafashije murabatsinda kugira ngo mwigarurire igihugu cabo, ndabazimanganya babava imbere+. 9 Maze Balaki mwene Zipori, umwami wa Mowabu, arahaguruka arwanya Abisirayeli. Atumako rero Balamu mwene Beyori kugira ngo abavume+. 10 Ariko naranse kwumviriza Balamu+. Nuko aguma abahezagira+, ntiyabagirira nabi+.

11 Hanyuma mujabuka Yorodani+, mushika i Yeriko+. Maze abatware* b’i Yeriko, Abamori, Abaperizi, Abanyakanani, Abaheti, Abagirugashi, Abahiwi n’Abayebusi barabarwanya. Mugabo narabafashije murabatsinda+. 12 Natumye bihebura* mutaranabashikira, barata barahunga+ nka kurya vyagenze kuri ba bami babiri b’Abamori. Inkota zanyu n’imiheto yanyu si vyo vyatumye mubatsinda+. 13 Naciye ndabaha igihugu mutaruhiye n’ibisagara mutubatse+, muraheza mubibamwo. Ubu muriko murya ivyo mu mirima y’imizabibu n’imirima y’imyelayo* mutateye+.”

14 Nimutinye rero Yehova mwongere mumukorere n’umutima ugororotse* kandi mudahemuka*+. Mukureho imana ba sokuruza banyu basenga hakurya ya rwa ruzi runini* no mu Misiri+, maze mukorere Yehova. 15 Mugabo nimba mutoshima gukorera Yehova, nimwihitiremwo uyu musi uwo muzokorera+, zaba ari imana ba sokuruza banyu basenga hakurya ya rwa ruzi runini*+ canke imana z’Abamori bene igihugu mubayemwo+. Nayo jewe n’urugo rwanje, tuzokorera Yehova.»

16 Abantu baca bishura bati: «Ntitwokwubahuka guheba Yehova ngo dusenge izindi mana. 17 Yehova Imana yacu ni we yadukuye mu gihugu ca Misiri twe na ba data+, aho twari abashumba*+. Ni we yakoze ibitangaro* bikomeye imbere yacu+, aguma aturinda aho twagiye turaca hose no mu mahanga yose twagiye turacamwo+. 18 Yehova yaromoye amahanga yose yari asanzwe aba mu gihugu, harimwo n’Abamori. Na twebwe rero tuzokorera Yehova kuko ari we Mana yacu.»

19 Yosuwa aca abwira abantu ati: «Ntimwoshobora gukorera Yehova, kuko ari Imana nyeranda+. Ni Imana isaba gusengwa* yonyene+. Ntizobaharira amakosa yanyu* n’ibicumuro vyanyu+. 20 Nimwaheba Yehova mugasenga* imana z’inyamahanga, na we azobahindukirira abatikize naho yari yarabakoreye ivyiza+.»

21 Abantu na bo bishura Yosuwa bati: «Nta wundi tuzokorera atari Yehova+.» 22 Yosuwa aca ababwira ati: «Ko ari mwebwe rero mwihitiyemwo gukorera Yehova+, mwebwe ubwanyu muri ivyabona bizobagiriza.» Na bo bishura bati: «Turi ivyabona.»

23 Yosuwa na we ati: «Nimukureho rero imana z’inyamahanga ziri muri mwebwe, maze mushire imitima yanyu kuri Yehova Imana ya Isirayeli.» 24 Abantu na bo bishura Yosuwa bati: «Tuzokorera Yehova Imana yacu kandi tumwumvire.»

25 Kuri uwo musi Yosuwa aca agirana isezerano n’abantu, abashingira ingingo ngenderwako n’ibwirizwa i Shekemu. 26 Maze Yosuwa yandika ayo majambo mu gitabu c’amategeko y’Imana+ hanyuma atora ikibuye kinini+ agishinga munsi y’uruti runini ruri iruhande y’aheranda ha Yehova.

27 Yosuwa aca abwira abantu bose ati: «Iri buye mubona ni ryo rizoba icabona co kutwagiriza+, kuko ryumvise ibintu vyose Yehova yatubwiye. Rizoba icabona kibibutsa ngo ntimwihakane Imana yanyu.» 28 Yosuwa aca arungika abantu, umwe wese aja aho yatoranye+.

29 Inyuma y’ivyo, Yosuwa mwene Nuni, umusavyi wa Yehova, arapfa afise imyaka 110+. 30 Bamuhamba mu gisagara yatoranye, ari co Timunati-Sera+ kiri mu karere k’imisozi ka Efurayimu, mu buraruko bw’umusozi Gashi. 31 Abisirayeli baguma bakorera Yehova mu gihe cose Yosuwa yamaze akiriho, no mu gihe c’abashingantahe babandanije kubaho amaze gupfa. Abo bashingantahe bari barabonye ibintu vyose Yehova yakoreye Abisirayeli+.

32 Amagufa ya Yozefu+ Abisirayeli bari barakuye mu Misiri, bayahamba i Shekemu mw’itongo Yakobo yari yaraguze na bene Hamori+, se wa Shekemu, ku mahera* 100+. Iryo tongo ryabaye intoranwa ya bene Yozefu+.

33 Eleyazari mwene Aroni na we nyene arapfa+. Nuko bamuhamba ku gasozi umuhungu wiwe Finehasi+ yari yarahawe mu karere k’imisozi ka Efurayimu.

Canke «Yehoshuwa.» Iryo zina risobanura ngo «Yehova arakiza.»

Canke «umusuku.»

Ni ikiyaga Mediterane.

Canke «ubwenge.»

Canke «uze uzirikane ibiri muri co.»

Mu giheburayo havuga ngo «akaruhuko.»

Ni ukuvuga mu buseruko bwa Yorodani.

Canke «gutata.»

Amazu menshi yari afise igisenge gishashe. Bahakorera ibikorwa bitandukanye.

Mu giheburayo ni «peshita.» Ni igiterwa camye kirimwa kuva kera. Inyuzi zaco bazikoramwo impuzu.

Canke «ku vyambu.»

Ni ukuvuga mu buseruko bwa Yorodani.

Mu giheburayo havuga ngo «imitima yacu yaciye ishonga.»

Mu giheburayo havuga ngo «nta n’umwe agifise impwemu.»

Canke «muzokwereka urukundo rudahemuka (rudahera).»

Canke «ikimenyetso co kwizigirwa.»

Canke «tuzokwereka urukundo rudahemuka (rudahera).»

Canke «usa n’agahama.»

Canke «hakagira uwumukorako.»

Ni nk’imetero 890. Raba Inyongera ya B14.

Canke «uruhome.»

Canke «uruhome.»

Canke «azobabera ikimenyetso.»

Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»

Mu giheburayo havuga ngo «baramutinya.»

Ni ukuvuga isandugu y’isezerano.

Mu giheburayo havuga ngo «nibabaza ba se.»

Mu giheburayo havuga ngo «ku ruhande rwa Yorodani ruri amaja ku kiyaga.»

Mu giheburayo havuga ngo «imitima yabo yaciye ishonga.»

Mu giheburayo havuga ngo «nta mpwemu zari zikiri muri bo.»

Hari abavyita «gusiramura» canke «gukebwa.» Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).

Iryo zina risobanura ngo «agasozi k’udushato tw’abagenyerewe.»

Canke «abari bafise imyaka yo kuja mu gisoda.»

Mu giheburayo havuga ngo «ntembagaje.»

Canke «agacokoro», «iceyi.»

Iryo zina risobanura ngo «gutembagaza» canke «gutembagariza kure.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «umuganwa.»

Canke «isandari.»

Canke «ijwi rirandira.»

Canke «ingorane», «ugukumirwa.»

Canke «gutata.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «yarahiza abantu iyi ndahiro.»

Canke «mutate.»

Iryo zina risobanura ngo «ahantu bimba amabuye (ikariyeri).»

Mu giheburayo havuga ngo «umutima w’abantu urashonga ucika nk’amazi.»

Ni ukuvuga mu buseruko bwa Yorodani.

Canke «yahindukiye igahunga.»

Mu giheburayo havuga ngo «weze.»

Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.

Mu giheburayo havuga ngo «amahera ari munsi.»

Canke «ingorane», «ugukumirwa.»

Iryo zina risobanura ngo «ivyago» canke «ugukumirwa.»

Canke «agendura.»

Canke «ca kiyaya.»

Mu giheburayo havuga ngo «bagendera.»

Ni ikiyaga Mediterane.

Canke «isandari.»

Canke «abashumba.»

Ni ukuvuga mu buseruko bwa Yorodani.

Mu giheburayo havuga ngo «ntukure amaboko ku bashumba bawe.»

Mu giheburayo havuga ngo «gukarisha ururimi rwiwe ngo arwanye.»

Canke «muri Araba.»

Canke «muyateme ibitsi.»

Canke «aca atema ibitsi vy’amafarasi.»

Canke «ikiyaya c’ubugaragwa.»

Mu giheburayo havuga ngo «na Shefela yaho.»

Canke «yareka imitima yabo igakomantara.»

Canke «ku mwonga.»

Canke «umwonga.»

Ni ikiyaga ca Genesareti, icitwa kandi ikiyaga ca Galilaya.

Canke «kava kuri Shihori.»

Mu giheburayo havuga ngo «aharabana na Misiri.»

Canke «ku bwinjiriro bwa Hamati.»

Canke «umwonga.»

Canke «umwonga.»

Ni ikiyaga ca Genesareti, icitwa kandi ikiyaga ca Galilaya.

Raba Insiguro y’amajambo (Imigwi mikurumikuru igize imiryango).

Ni ukuvuga mu buseruko bwa Yorodani.

Canke «gutata.»

Canke «navuze ijambo rihuye n’ibiri mu mutima wanje.»

Mu giheburayo havuga ngo «batumye imitima y’abantu ishonga.»

Mu giheburayo havuga ngo «bimwe bishitse» canke «ntiziganya.»

Canke «ndizeye neza.»

Canke «wahawe biciye ku bupfindo.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Ni ca kiyaga Kinini, ari co Mediterane.

Ni ikiyaga Mediterane.

Hashobora kandi kuvugwa ngo «aca akoma amashi yicaye ku ndogobwa kugira asabe ijambo.»

Canke «muri Negebu.»

Iryo zina risobanura ngo «ahantu hateze amazi.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «Gedera n’impongore zaho z’intama.»

Canke «tuhakikuje.»

Canke «tuhakikuje.»

Ni ikiyaga Mediterane.

Ni ukuvuga mu buseruko wa Yorodani.

Mu giheburayo havuga ngo «iburyo.»

Canke «akarere ka Manase kahana.»

Canke «tuhakikuje.»

Mu giheburayo havuga ngo «wampaye.»

Canke «tuhakikuje.»

Mu giheburayo havuga ngo «imikogote y’ivyuma.»

Mu giheburayo havuga ngo «imikogote y’ivyuma.»

Canke «aho uruzi Yorodani rugarukira mu bumanuko.»

Ni ukuvuga imbere y’abaserukira ishengero.

Canke «ibisagara bikurikira babigira vyeranda.»

Canke «bahabwa biciye ku bupfindo.»

Mu giheburayo havuga ngo «akaruhuko.»

Canke «nta jambo.»

Mu giheburayo havuga ngo «ku mahema yanyu.»

Ni ukuvuga mu buseruko bwa Yorodani.

Raba Insiguro y’amajambo.

Mu giheburayo havuga ngo «ibihumbi.» Ni ukuvuga imigwi y’abantu 1.000.

Canke «Imana nya Mana Yehova.»

Mu giheburayo havuga ngo «nta mugabane mufise kuri Yehova.»

Mu giheburayo havuga ngo «gutinya.»

Mu giheburayo havuga ngo «amayaruka yacu.»

Mu giheburayo havuga ngo «amayaruka yacu.»

Mu giheburayo havuga ngo «ibihumbi.» Ni ukuvuga imigwi y’abantu 1.000.

Twisunze ibivugwa muri uwo murongo, ico gicaniro bashobora kuba bacise «Icabona.»

Ni ikiyaga Mediterane.

Canke «mwame rero mwirinda.»

Mu giheburayo havuga ngo «ngira njane inzira isi yose ijana.»

Mu giheburayo havuga ngo «murazi neza n’umutima wanyu wose n’ubuzima bwanyu bwose.»

Canke «ni ko Yehova azobazanako ijambo ribi ryose.»

Ni uruzi Efurate.

Mu giheburayo havuga ngo «bakorera.»

Ni uruzi Efurate.

Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»

Mu giheburayo havuga ngo «imisi.»

Ni ukuvuga mu buseruko bwa Yorodani.

Hashobora kandi kuvugwa ngo «bene amatongo.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «bata umutwe» canke «baranduka umutima.»

Imyelayo bayita kandi olive.

Canke «mutagirako umugayo.»

Canke «mu kuri.»

Ni uruzi Efurate.

Ni uruzi Efurate.

Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu y’ubushumba.»

Mu giheburayo havuga ngo «ibimenyetso.»

Canke «kwiheberwa.»

Canke «ubugarariji bwanyu.»

Canke «mugakorera.»

Mu giheburayo ni «kesita.» Ni amahera yakoreshwa kera, mugabo agaciro kayo ntikazwi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika