GUSUBIRA MU VYAGEZWE
1 Aya ni yo majambo Musa yabwiye Abisirayeli bose bari mu bugaragwa bwo mu karere ka Yorodani, mu biyaya vy’ubugaragwa aharabana n’i Sufi, hagati ya Parani, Tofeli, Labani, Hazeroti na Dizahabu. 2 Kuva i Horebu gushika i Kadeshi-Baruneya+ hari urugendo rw’imisi 11 uciye mu nzira yo ku musozi Seyiri. 3 Nuko ku musi wa mbere w’ukwezi kugira 11 mu mwaka ugira 40+, Musa abwira Abisirayeli ivyo Yehova yari yamutegetse kubabwira vyose. 4 Ico gihe yari ahejeje gutsinda Sihoni+ umwami w’Abamori yaba i Heshiboni, na Ogi+ umwami wa Bashani yaba i Ashitaroti muri Edireyi+. 5 Bari ng’aho mu karere ka Yorodani mu gihugu ca Mowabu, Musa atangura kubasigurira aya mategeko+. Ababwira ati:
6 «Yehova Imana yacu yatubwiriye i Horebu ati: “Mumaze igihe kirekire kuri uyu musozi+. 7 Nimugende mu misozi y’Abamori+ no mu turere twose tuhegereye ari two Araba+, akarere k’imisozi, Shefela, Negebu n’akarere k’inkengera y’ikiyaga+. Nimugende mu gihugu c’Abanyakanani, mugende gushika i Libani*+ no kuri rwa ruzi runini ari rwo Efurate+. 8 Raba iki gihugu ndakibahaye. Nimwinjire mwigarurire igihugu Yehova yarahiye ko azoha ba sokuru banyu, Aburahamu, Izahaki+ na Yakobo+ hamwe n’uruvyaro* rwabo+.”
9 Ico gihe nababwiye nti: “Sinshobora kubikorera jenyene+. 10 Yehova Imana yanyu yarabagwije, none raba uyu musi mungana n’inyenyeri zo kw’ijuru+. 11 Ese Yehova Imana ya ba sokuruza banyu yobagwiza+ incuro igihumbi kandi akabahezagira nk’uko yabibasezeraniye+. 12 Noshobora nte kwikorera jenyene umutwaro wanyu n’ingorane zanyu hamwe n’imyidogo yanyu+? 13 Nimutore mu miryango yanyu abagabo b’inkerebutsi, baciye ubwenge kandi b’inararibonye kugira ndabagire abakuru banyu+.” 14 Namwe mwanyishuye muti: “Ikintu udusavye ni ciza.” 15 Naciye mfata abakuru b’imiryango yanyu, abagabo b’inkerebutsi kandi b’inararibonye, ndabagira abakuru banyu, ni ukuvuga abakuru b’ibihumbi, abakuru b’amajana, abakuru ba mirongo itanitanu, abakuru b’amacumi n’abarongozi b’imiryango yanyu+.
16 Ico gihe nategetse abacamanza banyu nti: “Igihe mwumviriza imanza za benewanyu, mukwiye guca urubanza rugororotse+ hagati y’Umwisirayeli na mugenziwe canke umunyamahanga aba muri mwebwe+. 17 Ntimuze mugire nkunzi mu rubanza+. Muze mwumvirize umuntu mutoyi cokimwe n’uwuhambaye+. Ntihaze hagire umuntu abatera ubwoba+, kuko urubanza ari urw’Imana+. Nihagira urubanza rubagora, muzorunzanire ndarwumvirize+.” 18 Ico gihe naciye ndabategeka ibintu vyose mukwiye gukora.
19 Twaciye tuva i Horebu, duca muri bwa bugaragwa+ bunini kandi buteye ubwoba, bumwe mwabona turiko tuja mu karere k’imisozi k’Abamori+, turateba dushika i Kadeshi-Baruneya+ nk’uko Yehova Imana yacu yari yadutegetse. 20 Naciye ndababwira nti: “Murashitse mu karere k’imisozi k’Abamori, ako Yehova Imana yacu agira aduhe. 21 Raba Yehova Imana yanyu yabahaye iki gihugu. Nimuduge mucigarurire nk’uko Yehova Imana ya ba sokuruza banyu yababwiye+. Ntimutinye canke ngo mutekerwe n’ubwoba.”
22 Ariko mwese mwaciye muza mumbwira muti: “Tubanze turungike abagabo baje kuraba ico gihugu hanyuma batuzanire amakuru yerekeye inzira tuzojana n’ibisagara tuzoshikiramwo+.” 23 Ico ciyumviro naragishimye, nca ntora abagabo 12 muri mwebwe, umugabo umwumwe ku muryango+. 24 Baciye bagenda, baduga mu karere k’imisozi+, bashika mu mwonga* wa Eshikoli maze bagenzura ico gihugu. 25 Baje batuzaniye ivyamwa bimwebimwe vyo muri ico gihugu maze batubwira bati: “Igihugu Yehova Imana yacu agira aduhe ni ciza+.” 26 Ariko mwaranse kuduga, mugarariza itegeko rya Yehova Imana yanyu+. 27 Mwagumye mwidogera mu mahema yanyu ngo: “Yehova aratwanka. Ni co gituma yadukuye mu Misiri akatuzana mu Bamori kugira batumare. 28 Mwumva turiko tuja he? Erega benewacu baturanduye umutima*+, batubwira ngo: ‘Abantu baho ni barebare kuturuta kandi baraturusha inguvu. Ibisagara vyabo ni binini kandi bikingijwe impome gushika kw’ijuru*+. Twarabonyeyo n’abakomoka kuri Anaki+.’”
29 Naciye ndababwira nti: “Ntimuranduke umutima canke ngo mubatinye+. 30 Yehova Imana yanyu azogendera imbere yanyu kandi azobarwanira+ nk’uko mwavyiboneye mu Misiri+. 31 Igihe mwari mu bugaragwa, mwariboneye ingene Yehova Imana yanyu yabateruye nka kurya umuvyeyi* aterura umwana wiwe, aho mwagiye muraca hose kugeza mushitse ng’aha.” 32 Ariko naho mwiboneye ivyo vyose ntimwizeye Yehova Imana yanyu+, 33 uwagendera imbere yanyu kugira abaronderere aho mukambika. Mw’ijoro yababonekera biciye ku muriro, ku murango na ho akabiyereka biciye ku gicu kugira abereke inzira mujana+.
34 Ico gihe cose Yehova yarumva ivyo mwariko muravuga. Yaciye ashavura maze ararahira+ ati: 35 “Muri aba bagabo b’iri yaruka* rikora ikibi, nta n’umwe azobona igihugu ciza narahiye ko nzoha ba sokuru banyu+, 36 kiretse Kalebu mwene Yefune. We azokibona, kandi igihugu yagiyemwo nzokimuha hamwe n’uruvyaro rwiwe, kuko yankurikiye jewe Yehova n’umutima wiwe wose+. 37 (Na jewe Yehova yaranshavuriye kubera mwebwe, ambwira ati: ‘Na wewe ntuzocinjiramwo+. 38 Yosuwa mwene Nuni umusuku wawe+ ni we azocinjiramwo+. Numukomeze*+ kuko ari we azotuma Abisirayeli batorana ico gihugu.’) 39 Vyongeye, abana banyu mwavuze ko bazogirwa imbohe+, ni ukuvuga abahungu banyu bataramenya gutandukanya iciza n’ikibi, ni bo bazocinjiramwo kandi nzokibaha bacigabire+. 40 Nayo mwebwe, subira inyuma mwerekeze mu bugaragwa muciye mu nzira ija ku kiyaga Gitukura+.”
41 Mwaciye mumbwira muti: “Twacumuye kuri Yehova. Ubu rero tugira tuduge turwane nk’uko Yehova Imana yacu yabidutegetse!” Umwe wese muri mwebwe yaciye afata ibirwanisho, hanyuma muduga ku musozi mwibaza ko ari ikintu coroshe+. 42 Mugabo Yehova yambariye ati: “Babwire uti: ‘Ntimuduge ngo murwane kuko ntari kumwe namwe+. Nimwaramuka mugiye muzotsindwa n’abansi banyu.’” 43 Narabibabwiye ariko ntimwanyumviriza. Ahubwo mwaciye mugarariza itegeko rya Yehova, muduga ku musozi n’akagagazo n’akantu. 44 Abamori baba kuri uwo musozi baciye bamanuka kubarwanya, barabirukana nka kurya kw’inzuki, barabashwiragiza gushika i Seyiri n’i Horuma. 45 Mwaciye mugaruka, mutangura kuririra imbere ya Yehova, ariko Yehova ntiyigeze abumviriza canke ngo abatege ugutwi. 46 Ni co gituma mwamaze igihe kinini i Kadeshi.
2 Twaciye dusubira inyuma maze twerekeza mu bugaragwa duciye mu nzira ija ku kiyaga Gitukura nk’uko Yehova yari yabintegetse+, kandi twamaze imisi myinshi tugendagenda mu micungararo y’umusozi Seyiri. 2 Yehova yahavuye ambwira ati: 3 “Igihe mumaze mu micungararo y’uyu musozi kirahagije. Ubu rero fata inzira muje mu buraruko. 4 Tegeka abantu uti: ‘Mugira muce hafi y’urubibe rwa benewanyu bakomoka kuri Esawu+ baba i Seyiri+ kandi bazobatinya+. Mubwirizwa kwiyubara cane. 5 Ntimubasomborotse kuko ntazobaha ku gihugu cabo. Nta n’aho guhonyoza ikirenge nzobaha, kuko umusozi Seyiri nawuhaye Esawu ngo ube rwiwe+. 6 Ibifungurwa vyose muzorya muzobiriha kandi n’amazi yose muzonywa muzoyariha+. 7 Yehova Imana yanyu yarabahezagiye mu vyo mwakoze vyose. Yabagumijeko ijisho mu rugendo rwose mwagize muri ubu bugaragwa bunini. Muri iyi myaka 40 yose, Yehova Imana yanyu yagumanye namwe kandi nta na kimwe mwabuze+.’” 8 Twaciye duca iruhande ya benewacu bakomoka kuri Esawu+ baba i Seyiri, tuguma kure y’inzira ija muri Araba, kure ya Elati na Eziyoni-Geberi+.
Hanyuma twarakase dufata inzira ija mu bugaragwa bwa Mowabu+. 9 Yehova yaciye ambwira ati: “Ntimusomborotse Abanyamowabu canke ngo murwane na bo, kuko ntazobaha ku gihugu cabo. Ari* nayihaye abakomoka kuri Loti ngo ibe rwabo+. 10 (Kera cabamwo Abemimu+. Bari abantu benshi, bakomeye kandi bari barebare nk’abakomoka kuri Anaki. 11 Kubera yuko Abarefayimu+ na bo nyene basa n’abakomoka kuri Anaki+, Abanyamowabu bahora babita Abemimu. 12 Imbere y’aho Abahori+ ni bo baba i Seyiri. Ariko abakomoka kuri Esawu barabomoye, barabatikiza maze baba mu kibanza cabo+, nk’uko nyene Abisirayeli bazogira igihugu cabo, ico Yehova azobaha ata kabuza.) 13 Ubu rero nimujabuke umwonga* wa Zeredi.” Twaciye tujabuka umwonga wa Zeredi+. 14 Ikiringo twamaze tugenda kuva i Kadeshi-Baruneya gushika tujabutse umwonga wa Zeredi yabaye imyaka 38. Ico gihe urunganwe* rwose rw’abagabo bageze kuja ku rugamba rwari rwaraherengeteye, nk’uko Yehova yari yarabibarahiye+. 15 Ukuboko kwa Yehova kwagumye kubarwanya gushika baherengeteye mw’ikambi+.
16 Abagabo bose bageze kuja ku rugamba bamaze gupfa bagahera+, 17 Yehova yaciye ambwira ati: 18 “Uyu musi mugira muce iruhande y’akarere ka Mowabu kitwa Ari. 19 Nimwaca iruhande y’Abamoni, ntimuze kubatoteza canke ngo mubasomborotse kuko ntazobaha ku gihugu cabo. Naramaze kugiha abakomoka kuri Loti ngo kibe rwabo+. 20 Na co nyene cahora gifatwa nk’igihugu c’Abarefayimu+. (Kera cabamwo Abarefayimu, kandi Abamoni bahora babita Abazamuzumimu. 21 Bari abantu benshi, bakomeye kandi bari barebare nk’abakomoka kuri Anaki+. Ariko Yehova yarafashije Abamoni kubatikiza, barabomora maze baba mu gihugu cabo. 22 Ivyo ni vyo yari yaragiriye abakomoka kuri Esawu baba i Seyiri+. Yarabafashije gutikiza Abahori+, baca baba mu gihugu cabo gushika n’uno musi. 23 Abavimu na bo bari bahoze baba mu bigwati vyo mu karere ka Gaza+, gushika Abakafutorimu+ babatikije baca baba mu kibanza cabo. Abakafutorimu bari baje bava i Kafutori*.)
24 Nimufate inzira mujabuke umubande wa Arunoni+. Raba ndabahaye Sihoni+ Umwamori umwami wa Heshiboni. Nimuhaguruke mumurwanye, mwigarurire igihugu ciwe. 25 Uyu musi ngira ntangure gutera ubwoba amahanga yose ari munsi y’ijuru azokwumva ibiberekeye. Bazohagarika umutima, bajugumire* kubera mwebwe+.”
26 Turi mu bugaragwa bwa Kedemoti+, naciye ndungikana abantu ubutumwa bw’amahoro kuri Sihoni umwami wa Heshiboni+ nti: 27 “Tureke duce mu gihugu cawe. Tuzoguma mw’ibarabara, ntituzokatira iburyo canke ibubamfu+. 28 Ibifungurwa tuzorya n’amazi tuzonywa tuzobikugurira. Tureke gusa twirenganire n’amaguru, 29 gushika tujabutse uruzi Yorodani tukinjira mu gihugu Yehova Imana yacu agira aduhe. (Abakomoka kuri Esawu baba i Seyiri n’Abanyamowabu baba i Ari na bo nyene baraturetse turarengana.)” 30 Ariko Sihoni umwami wa Heshiboni ntiyatwemereye kurengana, kuko Yehova Imana yanyu yamuretse acika intumva+ yongera arakomantaza umutima wiwe kugira amubahe mumutsinde nk’uko yabikoze+.
31 Yehova yaciye ambwira ati: “Raba namaze kubaha Sihoni n’igihugu ciwe. Nimutangure kucigarurira+.” 32 Igihe Sihoni yaza kudutera i Yahazi ari kumwe n’ingabo ziwe zose+, 33 Yehova Imana yacu yaramuduhaye, turamutsinda n’abana biwe hamwe n’ingabo ziwe zose. 34 Ico gihe twaciye dufata ibisagara vyiwe vyose, dutikiza ibisagara vyose, abagabo, abagore hamwe n’abana. Nta n’umwe yarokotse+. 35 Twasahuye ibitungwa gusa hamwe n’ibintu vyari mu bisagara twari twafashe. 36 Kuva i Aroweri+ ku nkengera y’umubande wa Arunoni gushika i Gileyadi (harimwo n’igisagara kiri muri uwo mubande), nta gisagara na kimwe tutafashe. Yehova Imana yacu yarabiduhaye vyose+. 37 Ariko ntimwegereye igihugu c’Abamoni+, inkengera yose y’umwonga wa Yaboki+, ibisagara vyo mu karere k’imisozi canke ikindi kibanza cose Yehova Imana yacu yari yababujije.
3 Twaciye dusubira inyuma, tudugana inzira ija i Bashani. Ogi umwami wa Bashani yaciye azanana n’ingabo ziwe zose, aza kudutera i Edireyi+. 2 Yehova yaciye ambwira ati: “Ntumutinye. Nzogufasha kumutsinda n’ingabo ziwe nongere ndaguhe igihugu ciwe. Uzomugira nk’uko wagize Sihoni umwami w’Abamori yaba i Heshiboni.” 3 Yehova Imana yacu yaradufashije kandi gutsinda umwami Ogi wa Bashani n’ingabo ziwe zose. Twarabishe gushika aho ata n’umwe asigara. 4 Twaciye dufata ibisagara vyiwe vyose. Nta gisagara na kimwe tutafashe. Twafashe ibisagara 60 bigize akarere kose ka Arugobu, ari bwo bwami bwa Ogi i Bashani+. 5 Ivyo bisagara vyose vyari bikingijwe impome ndende, imiryango n’ivyugazo. Twarabatwaye n’ibisagara vyinshi cane bitari bizitiye. 6 Ariko twarabitikije vyose+ nk’uko twatikije ibisagara vya Sihoni umwami wa Heshiboni. Twaratikije ibisagara vyose, ushizemwo abagabo, abagore n’abana+. 7 Twaciye dusahura ibitungwa vyaho vyose n’ibintu vyose biri muri ivyo bisagara.
8 Ico gihe twarafashe igihugu c’abami babiri b’Abamori+ bo mu karere ka Yorodani, kuva mu mubande* wa Arunoni gushika ku musozi Herumoni+. 9 (Uwo musozi Abanyasidoni bahora bawita Siriyoni, Abamori na bo bakawita Seniri.) 10 Twarafashe kandi ibisagara vyose vyo mw’itaba, Gileyadi yose na Bashani yose gushika i Saleka n’i Edireyi+, ibisagara vy’ubwami bwa Ogi i Bashani. 11 Umwami Ogi wa Bashani ni we yari asigaye mu Barefayimu. Inderuzo* yiwe yari ikozwe mu cuma kandi n’ubu iracari i Raba h’Abamori. Ifise uburebure bw’intambwe* icenda, n’ubwaguke bw’intambwe zine hisunzwe igipimo bafatirako. 12 Ico gihe ni ho twafata iki gihugu kiva i Aroweri+ iruhande y’umubande wa Arunoni, ushizeko n’igice c’akarere k’imisozi ka Gileyadi. Ibisagara vyaho naciye ndabiha Abarubeni n’Abagadi+. 13 Akarere ka Gileyadi gasigaye hamwe na Bashani yose ari bwo bwami bwa Ogi, nabihaye igice c’umuryango wa Manase+. Akarere kose ka Arugobu kari i Bashani kahora kitwa igihugu c’Abarefayimu.
14 Yayiri+ umuhungu wa Manase yarafashe akarere kose ka Arugobu+ gushika ku rubibe rw’Abageshuri n’Abamayakati+. Ivyo bigwati vy’i Bashani yaciye avyitirira izina ryiwe Havoti-Yayiri*+, kandi ni ko bicitwa gushika n’uyu musi. 15 Gileyadi na yo nayihaye Makiri+. 16 Abarubeni n’Abagadi+ nabahaye kuva i Gileyadi gushika mu mubande wa Arunoni (urubibe rwabo rukaba ruri hagati muri uwo mubande) kubandanya gushika kuri Yaboki (umwonga uri ku rubibe rw’Abamoni). 17 Nabahaye kandi Araba, uruzi Yorodani n’inkengera yarwo, kuva i Kinereti gushika ku kiyaga co muri Araba ari co kiyaga c’Umunyu, munsi y’umusozi Pisiga amaja mu buseruko+.
18 Naciye ndabategeka nti: “Yehova Imana yanyu yarabahaye iki gihugu ngo mucigabire. Abagabo b’intwari bose muri mwebwe bategerezwa gufata ibirwanisho bakajabuka uruzi Yorodani imbere ya benewanyu b’Abisirayeli+. 19 Abagore banyu n’abana banyu bonyene hamwe n’ibitungwa vyanyu (ndazi ko mufise vyinshi) ni bo bazobandanya kuba mu bisagara nabahaye, 20 gushika Yehova ahaye benewanyu akaruhuko nk’uko namwe akabahaye, gushika na bo nyene bigaruriye igihugu Yehova Imana yanyu azobaha hakurya ya Yorodani. Muzoheza mugaruke, umwe wese asubire mw’itongo ryiwe namuhaye+.”
21 Ico gihe nategetse Yosuwa+ nti: “Wariboneye n’amaso yawe ivyo Yehova Imana yawe yakoreye aba bami babiri. Ivyo nyene ni vyo Yehova azogirira abami b’amahanga yose muzocamwo+. 22 Ntimuze mubatinye, kuko Yehova Imana yanyu ari we abarwanira+.”
23 Ico gihe naciye ntakambira Yehova nti: 24 “Ewe Mukama Segaba Yehova, waranyeretse ububasha bwawe n’ukuboko kwawe gukomeye+, mbega hari iyindi mana mw’ijuru canke kw’isi yokora ibikorwa bikomeye nk’ivyo ukora+? 25 Ndakwinginze undeke njabuke ndabe ico gihugu ciza kiri hakurya ya Yorodani, ako karere k’imisozi keza hamwe na Libani+.” 26 Ariko Yehova yari akinshavuriye kubera mwebwe+, ntiyanyumvirije. Ahubwo Yehova yambwiye ati: “Gezaho! Ntusubire kumbwira ico kintu. 27 Duga hejuru ku musozi Pisiga+, urabe ico gihugu mu burengero, mu buraruko, mu bumanuko no mu buseruko, ukirabishe amaso gusa kuko utazojabuka uru ruzi Yorodani+. 28 Nugene Yosuwa abe indongozi+, umuremeshe wongere umukomeze, kuko ari we azojabuka+ uru ruzi ari imbere y’aba bantu, kandi ni we azobafasha kwigarurira igihugu uza kubona.” 29 Ivyo vyose vyabaye igihe twaba mu mubande, aharabana n’i Beti-Peyori+.
4 Ubu rero yemwe Bisirayeli, nimwumvirize amabwirizwa n’amategeko ndiko ndabigisha kwubahiriza, kugira mubandanye kubaho+ mwongere mwinjire mu gihugu Yehova Imana ya ba sokuruza banyu agira abahe, mucigarurire. 2 Ntihaze hagire ico mwongera ku majambo ndabategetse, kandi ntihaze hagire ico mukurako+, kugira mwubahirize amabwirizwa ya Yehova Imana yanyu ndiko ndabashikiriza.
3 Mwariboneye n’amaso yanyu ivyo Yehova yakoze kubera Bayali y’i Peyori. Yehova Imana yanyu yarahoneje abantu bose bakurikiye Bayali y’i Peyori+. 4 Ariko mwebwe abagumye kuri Yehova Imana yanyu, muracariho gushika n’uyu musi. 5 Raba narabigishije amabwirizwa n’amategeko+ nk’uko Yehova Imana yanje yabintegetse, kugira muze muyakurikize mu gihugu mugira mwigarurire. 6 Mutegerezwa kuyakurikiza mwitonze+, kuko ari vyo bizotuma amahanga azokwumva ivy’ayo mategeko yose abona ko mufise ubukerebutsi+ n’ugutegera+. Bazoheza bavuge bati: “Emwe, iri hanga rikomeye rigizwe n’abantu bafise ubukerebutsi n’ugutegera+.” 7 Mbega hari irindi hanga rikomeye rifise imana ziri hafi yaryo nk’uko Yehova Imana yacu ari hafi yacu igihe cose tumutabaje+? 8 Vyongeye, hari irindi hanga rikomeye rifise amabwirizwa n’ingingo bigororotse nk’aya mategeko yose ndiko ndabashikiriza uyu musi+?
9 Ariko mwiyubare, mwirinde rwose kugira ntimwibagire ivyo mwiboneye n’amaso yanyu no kugira ntibive mu mitima yanyu imisi yose muzoba mukiriho. Mutegerezwa kandi kuvyigisha abana banyu n’abuzukuru banyu+. 10 Umusi mwari muhagaze imbere ya Yehova Imana yanyu i Horebu, Yehova yambwiye ati: “Koraniriza abantu imbere yanje bumve amajambo yanje+, kugira bige kuntinya+ imisi yose bazomara kw’isi no kugira bavyigishe abana babo+.”
11 Mwaciye muza maze muhagarara munsi y’umusozi. Uwo musozi wariko urarurumba gushika mw’ijuru. Hari umwijima, ibicu hamwe n’umwiza w’umuzimagiza+. 12 Yehova yaciye atangura kubavugisha ari mu muriro+. Mwarumvise amajambo ariko nta shusho mwabonye+. Mwumvise ijwi gusa+. 13 Yaciye abamenyesha isezerano ryiwe+, ni ukuvuga ya mabwirizwa cumi*+, abategeka kuyubahiriza. Inyuma y’ivyo yaciye ayandika ku bisate bibiri vy’amabuye+. 14 Ico gihe Yehova yaciye antegeka kubigisha amategeko n’ingingo muzokwubahiriza nimwashika mu gihugu mugiye kwigarurira.
15 Ko rero ata shusho n’imwe mwabonye umusi Yehova yavugana namwe i Horebu hagati mu muriro, mwirinde rwose 16 kugira ntimuze mwikwegere guhona mu kwihingurira ikibazano gifise ishusho iyo ari yo yose, yaba iy’umugabo, umugore+, 17 igikoko ico ari co cose co kw’isi, inyoni yo mu kirere+, 18 ikintu ico ari co cose gikwega inda hasi canke ifi iyo ari yo yose yo mu mazi+. 19 Nimwaraba kw’ijuru maze mukabona izuba, ukwezi n’inyenyeri ari zo ngabo zose zo kw’ijuru, ntibize bibakwegakwege ngo muvyunamire canke mubikorere+. Yehova Imana yanyu yabihaye amahanga yose ari munsi y’ijuru. 20 Ariko ni mwebwe Yehova yatoye abakura muri ya furu ishongesha ivyuma ari yo Misiri, kugira mube ihanga ryiwe yigabira*+ nk’uko biri uyu musi.
21 Yehova yaranshavuriye kubera mwebwe+, aca ararahira ko ntazojabuka uruzi Yorodani canke ngo ninjire mu gihugu ciza Yehova Imana yanyu agira abahe ngo kibe intoranwa yanyu+. 22 Jewe rero nzopfira muri iki gihugu. Sinzojabuka uruzi Yorodani+, ariko mwebwe muzorujabuka mwigarurire ico gihugu ciza. 23 Mwiyubare ntimuze mwibagire isezerano Yehova Imana yanyu yagiranye namwe+, kandi ntimuze mwibazire igishusho gisa n’ikintu na kimwe Yehova Imana yanyu yababujije+. 24 Kuko Yehova Imana yanyu ari umuriro utema ugatongora+, Imana isaba gusengwa* yonyene+.
25 Nimwamara igihe kirekire muba muri ico gihugu, mukavyara abana mukaronka n’abuzukuru hanyuma mukikwegera guhona mu kwibazira igishusho+ ico ari co cose, mugakora ibintu bibi mu maso ya Yehova Imana yanyu kugira mumubabaze+, 26 mumenye neza ko muzotikira ningoga muri ico gihugu mugiye kwigarurira nimwajabuka uruzi Yorodani. Emwe, ijuru n’isi ni vyo vyabona vyanje uyu musi. Ntimuzomara na kabiri muri co, muzotikira muherengetere+. 27 Yehova azobashwiragiza mu mahanga+, kandi abantu bari ku rushi ni bo bazorokoka+ muri ayo mahanga Yehova azoba yabashwiragijemwo. 28 Muri hiyo muri ayo mahanga, muzobwirizwa gusenga imana z’ibiti n’amabuye zakozwe n’abantu+, imana zidashobora kubona canke kwumva, kurya canke kumoterwa.
29 Nimwarondera Yehova Imana yanyu mumaze gushika muri ayo mahanga, mukamurondera n’umutima wanyu wose n’ubuzima bwanyu bwose+, ntimuzobura kumuronka+. 30 Ivyo bintu vyose nivyamara kubashikira mukabona mugeze habi, muzogaruka kuri Yehova Imana yanyu mumwumvirize+. 31 Kuko Yehova Imana yanyu ari Imana y’imbabazi+. Ntazobata canke ngo abahonye, kandi ntazokwibagira isezerano yagiranye na ba sokuruza banyu+.
32 Ubu rero nimubaze ivyabaye kera imbere y’uko mubaho, kuva igihe Imana yarema umuntu kw’isi. Nimurondere muhereye ku mpera imwe y’ijuru gushika ku yindi. Hari ikintu gitangaje nk’iki cari bwigere kiba? Canke hari ikintu nk’iki mwari bwigere mwumva+? 33 Hari abandi bantu bari bwumve ijwi ry’Imana rivugira mu muriro nk’uko mwebwe mwaryumvise, hanyuma bakabandanya kubaho+? 34 Canke Imana yari bwagerageze kwikurira ihanga hagati mu rindi hanga ikoresheje ibihano*, ibimenyetso, ibitangaro+, intambara+, ukuboko gukomeye+ kandi kw’ububasha hamwe n’ibikorwa biteye ubwoba+, nk’uko Yehova Imana yanyu yabibakoreye mu Misiri muvyibonera? 35 Mwebwe mwariboneye ivyo bintu kugira mumenye yuko Yehova ari we Mana y’ukuri+ be n’uko ata yindi Mana iriho atari we+. 36 Yarabumvishije ijwi ryiwe ari mw’ijuru kugira abakosore, kw’isi na ho yaraberetse umuriro wiwe ukomeye, kandi mwarumvise amajambo yiwe ava hagati mu muriro+.
37 Yarabaherekeje igihe yabakura mu Misiri akoresheje ububasha bwiwe bukomeye kubera yakunze ba sokuruza banyu, agatora uruvyaro* rwabo+. 38 Yarirukanye imbere yanyu amahanga manini kandi akomeye kubarusha, kugira abazane mu gihugu cayo akibahe kibe intoranwa yanyu, nk’uko biri uyu musi+. 39 Uyu musi rero, nimumenye neza ko Yehova ari we Mana y’ukuri mw’ijuru no kw’isi kandi muvyamize ku mutima+. Nta yindi iriho+. 40 Mutegerezwa kwubahiriza amategeko n’amabwirizwa yiwe ndabahaye uno musi, kugira bibagendere neza mwe n’uruvyaro rwanyu no kugira muzorambire mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe+.»
41 Ico gihe Musa yaciye ashira ku ruhande ibisagara bitatu mu buseruko bwa Yorodani+, 42 kugira ngo uwishe mugenziwe atabishaka kandi atari asanzwe amwanka+, ace ahungira muri kimwe muri ivyo bisagara maze abandanye kubaho+. 43 Ivyo bisagara vyari ibi: Bezeri+ mu bugaragwa bwo mw’itaba ku bw’Abarubeni, Ramoti+ muri Gileyadi ku bw’Abagadi, na Golani+ muri Bashani ku bw’Abamanase+.
44 Ayo ni yo mategeko+ Musa yashikirije Abisirayeli. 45 Ivyo ni vyo vyibutswa, amategeko n’ingingo Musa yahaye Abisirayeli bamaze kuva mu Misiri+. 46 Hari mu karere ka Yorodani mu mubande urabana n’i Beti-Peyori+, mu gihugu c’umwami w’Abamori yitwa Sihoni yaba i Heshiboni+, umwe Musa n’Abisirayeli batsinda bavuye mu Misiri+. 47 Baciye bigarurira igihugu ciwe n’igihugu c’umwami Ogi+ wa Bashani, ba bami babiri b’Abamori bo mu buseruko bwa Yorodani, 48 kuva i Aroweri+ ku nkombe y’umubande* wa Arunoni gushika ku musozi Siyoni ari wo Herumoni+, 49 hamwe na Araba yose mu karere ko mu buseruko bwa Yorodani, gushika ku kiyaga co muri Araba* munsi y’umusozi Pisiga+.
5 Nuko Musa ahamagara Abisirayeli bose, ababwira ati: «Nimwumvirize yemwe Bisirayeli amategeko n’ingingo ndiko ndabashikiriza uyu musi. Mutegerezwa kuvyiga no kubikurikiza neza. 2 Yehova Imana yacu yaragiraniye isezerano natwe i Horebu+. 3 Yehova ntiyagiraniye iryo sezerano na ba sokuruza bacu, ahubwo yarigiraniye na twebwe turi ng’aha uyu musi. 4 Yehova yavuganye namwe amaso mu yandi ku musozi, avugira mu muriro+. 5 Ico gihe nari mpagaze hagati yanyu na Yehova+ kugira nze ndababwira ivyo Yehova avuze, kuko mwari mwatinye kuduga ku musozi kubera umuriro+. Yaciye avuga ati:
6 “Ndi Yehova Imana yawe yagukuye mu gihugu ca Misiri, igihugu wabayemwo uri umushumba*+. 7 Ntukagire izindi mana umbangikanya*+.
8 Ntukihingurire igishusho c’ikibazano+, canke ishusho y’ikintu ico ari co cose kiri hejuru mw’ijuru, canke hasi kw’isi canke mu mazi. 9 Ntukavyunamire canke ngo woshwe kubisenga*+, kuko jewe Yehova Imana yawe ndi Imana isaba gusengwa* yonyene+. Mpanira abana ikosa rya ba se gushika ku runganwe* rugira gatatu no ku rugira kane rw’abanyanka+, 10 mugabo nkagirira ubuntu* urunganwe rugira igihumbi rw’abankunda bakagumya amabwirizwa yanje.
11 Ntugakoreshe nabi izina rya Yehova Imana yawe+, kuko Yehova atazoreka guhana uwo wese akoresha nabi izina ryiwe+.
12 Wubahirize umusi w’isabato kugira ugume ari mweranda, nk’uko Yehova Imana yawe yabigutegetse+. 13 Uzokora ibikorwa vyawe vyose mu misi itandatu+, 14 mugabo umusi ugira indwi ni isabato ya Yehova Imana yawe+. Ntuze ukore igikorwa na kimwe+, yaba wewe, umuhungu wawe, umukobwa wawe, umushumba wawe w’umugabo canke w’umugore, impfizi yawe, indogobwa yawe, igitungwa cawe ico ari co cose canke kavamahanga aba mu bisagara* vyawe+, kugira umushumba wawe w’umugabo canke w’umugore aruhuke cokimwe nawe+. 15 Wibuke ko wabaye umushumba mu gihugu ca Misiri kandi ko Yehova Imana yawe yagukuyeyo akoresheje ukuboko gukomeye kandi kw’ububasha+. Ni co gituma Yehova Imana yawe yagutegetse kwubahiriza umusi w’isabato.
16 Tera iteka so wawe na nyoko wawe+ nk’uko Yehova Imana yawe yabigutegetse, kugira urambe wongere uroranirwe* mu gihugu Yehova Imana yawe agira aguhe+.
20 Ntukagirize ibinyoma mugenzawe+.
21 Ntukipfuze umugore wa mugenzawe+. Ntukipfuze inzu yiwe, itongo ryiwe, umushumba wiwe w’umugabo canke w’umugore, impfizi yiwe, indogobwa yiwe canke ikintu ico ari co cose ca mugenzawe+.”
22 Ayo ni yo mabwirizwa* Yehova yashikirije ishengero ryanyu ryose ku musozi n’ijwi rirenga, ayavugira mu muriro, mu gicu no mu mwiza w’umuzitanya+, kandi nta kindi yongeyeko. Yaciye ayandika ku bisate bibiri vy’amabuye hanyuma arabimpa+.
23 Ariko mucumva ijwi rivugira mu mwiza, umusozi uriko uraka umuriro+, abakuru bose b’imiryango yanyu n’abashingantahe baciye baza hafi yanje. 24 Mwaciye mumbwira muti: “Raba Yehova Imana yacu yatweretse ubuninahazwa bwiwe n’ububasha bwiwe, kandi twumvise ijwi ryiwe rivugira mu muriro+. Uyu musi twiboneye ko Imana ishobora kuvugana n’umuntu kandi akabandanya kubaho+. 25 Kubera iki none twokwirirwa turapfa? Erega uyu muriro ukomeye woshobora kutumara. Nitwabandanya kwumva ijwi rya Yehova Imana yacu, turapfa ata kabuza! 26 Mbega hari umuntu yari bwumve ijwi ry’Imana nzima rivugira mu muriro nk’uko twaryumvise mugabo akabandanya kubaho? 27 Wewe genda wumvirize ivyo Yehova Imana yacu avuga. Uzoheza uze utubwire ivyo Yehova Imana yacu yakubariye vyose, natwe tuzovyumviriza tubikore+.”
28 Yehova rero yarumvise ivyo mwambwiye vyose, maze Yehova ambwira ati: “Numvise ivyo abo bantu bakubariye, kandi ivyo bavuze vyose ni vyiza+. 29 Ese iyaba bogumanye umutima wo kuntinya+ no gukurikiza amabwirizwa yanje yose+! Vyobagendeye neza hamwe n’abana babo ibihe vyose+. 30 Genda ubabwire uti: ‘Nimusubire mu mahema yanyu.’ 31 Ariko wewe uza kugumana nanje ng’aha, ndakubwire amabwirizwa yose, amategeko yose n’ingingo zose uzobigisha, kugira babikurikize mu gihugu ngira ndabahe ngo bacigarurire.” 32 Ubu rero muze mwitwararike gukurikiza neza ivyo Yehova Imana yanyu yabategetse+. Ntimuze mukatire iburyo canke ibubamfu+. 33 Mukwiye gukurikira neza inzira Yehova Imana yanyu yabategetse+ kugira mubeho, muroranirwe kandi murambire mu gihugu mugira mwigarurire+.
6 Aya ni yo mabwirizwa, amategeko n’ingingo Yehova Imana yanyu yatanze ngo muvyigishwe, kugira muze mubikurikize nimwajabuka Yorodani mukinjira mu gihugu mugira mwigarurire. 2 Ivyo bizotuma mwebwe n’abana banyu n’abuzukuru banyu mutinya Yehova Imana yanyu, maze mukurikize amabwirizwa yiwe yose n’amategeko yiwe ndabategetse+, mu misi yose y’ubuzima bwanyu kugira murambe+. 3 Yemwe Bisirayeli, mutegerezwa rero kuvyumviriza no kubikurikiza neza kugira muze muroranirwe mwongere mugwire cane muri ico gihugu gitemba amata n’ubuki, nk’uko Yehova Imana ya ba sokuruza banyu yabibasezeraniye.
4 Umviriza ewe Isirayeli: Yehova Imana yacu ni Yehova umwe+. 5 Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose, n’ubuzima bwawe bwose+, n’inkomezi* zawe zose+. 6 Aya majambo ndabategetse uno musi abwirizwa kuba ku mitima yanyu, 7 kandi mutegerezwa kuyasubiriramwo* abana banyu+ no kubabwira ivyayo igihe mwicaye mu nzu, igihe muriko muragenda mu nzira, igihe muryamye n’igihe muvyutse+. 8 Muze muyabohere ku maboko yanyu kugira muze murayibuka, kandi ategerezwa kuba nk’ikimenyetso* mu ruhanga rwanyu*+. 9 Muze muyandike ku bishimaryango vy’amazu yanyu no ku marembo yanyu.
10 Yehova Imana yanyu niyabashikana mu gihugu yarahiye ba sokuruza banyu Aburahamu, Izahaki na Yakobo ko azobaha+, igihugu kirimwo ibisagara binini kandi vyiza mutubatse+, 11 amazu yuzuyemwo ivyiza vy’ubwoko bwose mutakoreye, ibinogo vy’amazi mutimvye, imirima y’imizabibu hamwe n’ibiti vy’imyelayo mutateye hanyuma mukarya mugahaga+, 12 muraba maso ntimuze mwibagire Yehova+ we yabakuye mu gihugu ca Misiri, igihugu mwabayemwo muri abashumba*. 13 Yehova Imana yanyu ni we mukwiye gutinya+, ni we mukwiye gukorera+ kandi izina ryiwe ni ryo mukwiye kurahira+. 14 Ntimuze mukurikire izindi mana, ni ukuvuga imana z’amahanga abakikuje+, 15 kuko Yehova Imana yanyu ari hagati yanyu. Ni Imana isaba gusengwa* yonyene+. Ahandiho Yehova Imana yanyu azobashavurira cane+, abazimanganye kw’isi+.
16 Ntimuze mugerageze Yehova Imana yanyu+ nka kumwe mwamugerageza i Masa+. 17 Mukwiye gukurikiza neza amabwirizwa ya Yehova Imana yanyu, ivyibutswa vyiwe n’amategeko yabahaye. 18 Mukwiye gukora ibintu vyiza kandi bigororotse mu maso ya Yehova kugira muroranirwe mwongere mwigarurire igihugu ciza Yehova yarahiye ba sokuruza banyu+, 19 mu kwirukana abansi banyu bose nk’uko Yehova yabisezeranye+.
20 Muri kazoza, abana banyu nibababaza bati: “Kubera iki Yehova Imana yacu yabahaye ibi vyibutswa, aya mategeko n’izi ngingo?” 21 Muze mubishure muti: “Twari abashumba ba Farawo mu Misiri, ariko Yehova yaradukuyeyo akoresheje ukuboko kwiwe gukomeye. 22 Twariboneye ibimenyetso n’ibitangaro bikomeye kandi biteye ubwoba Yehova yagumye akora kugira ateze ivyago Misiri+, Farawo hamwe n’urugo rwiwe rwose+. 23 Yaciye adukurayo atuzana ng’aha kugira aduhe igihugu yari yararahiye ba sokuruza bacu+. 24 Yehova yaciye adutegeka gukurikiza aya mabwirizwa yose no gutinya Yehova Imana yacu kugira twame turoranirwa+ kandi tubandanye kubaho+ nk’uko biri uno musi. 25 Nitwagamburukira Yehova Imana yacu mu gukurikiza neza aya mabwirizwa yose nk’uko yabidutegetse+, azobona ko turi abagororotsi.”
7 Yehova Imana yanyu niyamara kubashikana mu gihugu mugira mwigarurire+, azokwirukana imbere yanyu amahanga y’abantu benshi+: Abaheti, Abagirugashi, Abamori+, Abanyakanani, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi+, amahanga indwi agizwe n’abantu benshi kandi akomeye kubarusha+. 2 Yehova Imana yanyu azobabaha kandi muzobatsinda+. Muze mubatikize ata kabuza+. Ntimuze mugiranire na bo isezerano canke ngo mubumvire impuhwe+. 3 Ntimuze mwunge ubucuti bwo guhana abageni*. Abakobwa banyu ntimuze mubahe abahungu babo kandi n’abahungu banyu ntimuze mubasabire abakobwa babo+. 4 Kuko bazobuza abahungu banyu kunkurikira, bakabosha gusenga* izindi mana+. Yehova azoca abashavurira cane kandi azoca abazimanganya bidatevye+.
5 Ahubwo ibi ni vyo mukwiye kubakorera: muze musiture ibicaniro vyabo, mumenagure inkingi nyeranda zabo z’amabuye+, mwicire inkingi nyeranda zabo z’ibiti*+ mwongere muturire ibishusho vyabo bibajwe+. 6 Muri ihanga ryeranda kuri Yehova Imana yanyu, kandi Yehova Imana yanyu yarabatoye ngo mube abantu biwe, ihanga ryiwe ridasanzwe* mu yandi mahanga yose ari kw’isi+.
7 Yehova ntiyabakunze canke ngo abatore ngo ni uko ihanga ryanyu ryarimwo abantu benshi+. Mbere mwari bakeyi mu yandi mahanga yose+. 8 Ahubwo kubera yuko Yehova abakunda kandi akubaha indahiro yarahiye ba sokuruza banyu+, ni co catumye Yehova akoresha ububasha bwiwe akabakura mu gihugu mwabayemwo muri abashumba*+, akabakura mu kuboko* kwa Farawo umwami wa Misiri. 9 Murazi neza ko Yehova Imana yanyu ari we Mana y’ukuri, Imana yo kwizigirwa, ishitsa ivyo yasezeraniye abayikunda kandi bubahiriza amabwirizwa yayo, ikongera ikabagirira ubuntu* gushika ku runganwe* rwabo rugira igihumbi+. 10 Ariko abamwanka ntateba kubihora mu kubatikiza+. Ntiyihanganira abamwanka. Ntateba kubihora. 11 Ku bw’ivyo rero, mutegerezwa kwubaha amabwirizwa, amategeko n’ingingo ndiko ndabaha uyu musi, mukabikurikiza.
12 Nimwaguma mwumviriza ayo mategeko, mukayubaha kandi mukayakurikiza, Yehova Imana yanyu azoshitsa isezerano yagiraniye namwe yongere abagirire neza*, nk’uko yabirahiye ba sokuruza banyu. 13 Azobakunda, abahezagire yongere abagwize. Emwe, azobahezagira muronke abana benshi*+, ivyimburwa, intete, umuvinyu mushasha, amavuta+, imitavu y’inka n’imyagazi y’intama mu gihugu yarahiye ba sokuruza banyu ko azokibaha+. 14 Muzohezagirwa cane mu yandi mahanga yose+. Nta mugabo canke umugore wo muri mwebwe azoba ingumba, kandi n’ibitungwa vyanyu ntibizoba ingumba+. 15 Yehova azoshira kure yanyu indwara zose, kandi ntazokwigera abateza ikiza na kimwe giteye ubwoba nka bimwe mwabona mu Misiri+. Ahubwo azobiteza abansi banyu bose. 16 Muzotikiza* amahanga yose Yehova Imana yanyu azobaha+. Ntimuze* mubumvire akagongwe+, kandi ntimuze musenge imana zabo+ kuko vyobabera umutego+.
17 Nimwibwira mu mitima yanyu muti: “Aya mahanga arimwo abantu benshi kuturusha. Tuzoshobora kubirukana gute+?” 18 Ntimuze mubatinye+. Muze mwibuke ivyo Yehova Imana yanyu yakoreye Farawo n’Abanyamisiri bose+. 19 Muze mwibuke kandi vya bihano* bikomeye mwibonera n’amaso yanyu, ibimenyetso, ibitangaro+ be n’ukuboko gukomeye kandi kw’ububasha Yehova Imana yanyu yakoresheje mu kubakura mu Misiri+. Ivyo ni vyo Yehova Imana yanyu azokorera ayo mahanga yose mutinya+. 20 Yehova Imana yanyu azotuma batekerwa n’ubwoba* gushika aho abazoba basigaye+ n’abazoba binyegeje bahona. 21 Ntimuze muranduke umutima kubera bo, kuko Yehova Imana yanyu ari kumwe namwe+. Ni Imana ikomeye kandi iteye ubwoba+.
22 Yehova Imana yanyu azokwirukana bukebuke ayo mahanga yose+. Ntimuzokwemererwa kuyatikiza ningoga, kugira ngo ibikoko vyo mw’ishamba ntibigwire bigahava bibagirira nabi. 23 Yehova Imana yanyu azobaha ayo mahanga kandi azoyatsinda bimwe bikomeye gushika aherengeteye+. 24 Azobafasha gutsinda abami bayo+ ku buryo n’amazina yabo azimangana munsi y’ijuru+. Nta n’umwe azobananira+, gushika mubaherengeteje bose+. 25 Muze muturire ibishusho bibajwe vy’imana zabo+. Ntimuze mwipfuze ifeza n’inzahabu ziri kuri vyo canke ngo muzitware+ kugira ntibihave bibabera umutego, kuko ico ari ikintu gishisha Yehova Imana yanyu+. 26 Ntimuze muzane mu mazu yanyu ikintu gishisha, kuko namwe mwohava muba abo gutikizwa nka co. Mukwiye kucanka urunuka, kikabashisha rwose kuko ari ikintu co gutikizwa.
8 Mukwiye gukurikiza neza amabwirizwa ndabahaye uno musi, kugira mubandanye kubaho+, mugwire kandi mwigarurire igihugu Yehova yarahiye ko azoha ba sokuruza banyu+. 2 Mwibuke urugendo rurerure Yehova Imana yanyu yabagirishije muri iyi myaka 40 mu bugaragwa+, kugira abacishe bugufi, abagerageze+, maze amenye ibiri mu mitima yanyu+, ko muzokurikiza amabwirizwa yiwe canke ko mutazoyakurikiza. 3 Yarabacishije bugufi rero, arabareka murasonza+ maze abagaburira manu+ mutari bwabone mwe na ba sokuru banyu, kugira mumenye ko umuntu atabeshwaho n’umukate gusa, ahubwo ko abeshwaho n’ijambo ryose riva mu kanwa ka Yehova+. 4 Impuzu zanyu ntizigeze zihera, kandi n’ibirenge vyanyu ntivyigeze bivyimba muri iyi myaka 40 yose+. 5 Murazi neza mu mitima yanyu ko Yehova Imana yanyu yariko arabakosora, nka kurya umuvyeyi* akosora umwana wiwe+.
6 Mutegerezwa rero kwubahiriza amabwirizwa ya Yehova Imana yanyu mu kugendera mu nzira ziwe no mu kumutinya. 7 Kuko Yehova Imana yanyu agira abinjize mu gihugu ciza+, igihugu c’imigezi* y’amazi, amariba n’imbizi* bitemba mu biyaya no mu misozi, 8 igihugu cuzuyemwo ingano na sayiri, imizabibu, imisukoni n’amakomamanga+, igihugu cuzuyemwo amavuta y’imyelayo* n’ubuki+, 9 igihugu mutazokenamwo ibifungurwa canke ngo mubure ikintu na kimwe, igihugu cuzuyemwo amabuye y’ubutare bw’icuma, igihugu muzocukuramwo ubutare bw’umujumpu mu misozi yaco.
10 Nimwamara kurya mugahaga, muze muhayagize Yehova Imana yanyu kubera igihugu ciza yabahaye+. 11 Muraba maso ntimuze mwibagire Yehova Imana yanyu mu kudakurikiza amabwirizwa yiwe, ingingo yashinze n’ivyagezwe vyiwe ndabahaye uyu musi. 12 Nimwamara kurya mugahaga, mukubaka amazu meza mukayabamwo+, 13 ibitungwa vyanyu bikagwira, mukaronka ifeza n’inzahabu nyinshi, mukagira umusesekara muri vyose, 14 ntimuze mwivyimvye*+ ngo mwibagire Yehova Imana yanyu, uwabakuye mu gihugu ca Misiri mwabayemwo muri abashumba*+, 15 akabacisha muri bwa bugaragwa bunini kandi buteye ubwoba+, bwuzuyemwo inzoka z’ubumara na za sikorupiyo* hamwe n’isi yumye itagiramwo amazi. Yarabakuriye amazi mu gitandara c’isare+, 16 abagaburira manu+ mu bugaragwa, iyo ba sokuru banyu batari bwabone, kugira abacishe bugufi+ yongere abagerageze, maze bibagendere neza muri kazoza+. 17 Nimwibwira mu mutima muti: “Ububasha bwacu n’inguvu zacu ni vyo vyaturonkeje iri tunga+”, 18 muze mwibuke ko Yehova Imana yanyu ari we abaha ububasha bwo kurondera itunga+, kugira ashitse isezerano yagiraniye na ba sokuruza banyu nk’uko biri uyu musi+.
19 Nimwaramuka mwibagiye Yehova Imana yanyu mugakurikira izindi mana, mukazikorera kandi mukazunamira, emwe ndabarahiye uno musi ko mutazogenda mudatikiye+. 20 Muzotikira nk’ayo mahanga Yehova ariko arahonereza imbere yanyu, kuko mutazoba mwumviye Yehova Imana yanyu+.
9 Umviriza yemwe Bisirayeli, uyu musi mugira mujabuke uruzi Yorodani+ kugira mwigarurire igihugu kirimwo amahanga manini kandi akomeye kubasumvya+, ibisagara binini bikingijwe impome gushika kw’ijuru*+, 2 n’abantu bakomeye kandi barebare bakomoka kuri Anaki+, abo muzi kandi mwumvise abavuga ivyabo ngo: “Ni nde yoshobora kwihanga abakomoka kuri Anaki?” 3 Uyu musi rero mumenye ko Yehova Imana yanyu azojabuka Yorodani imbere yanyu+. Ni umuriro utema ugatongora+ kandi azobatikiza bose. Azobatsindira imbere yanyu ku buryo mubirukana ningoga, mubatikize nk’uko Yehova yabibasezeraniye+.
4 Yehova Imana yanyu niyabirukana bakababisa, ntimuze mwibwire muti: “Ubugororotsi bwacu ni bwo bwatumye Yehova aduha iki gihugu ngo tucigarurire+.” Ahubwo ububisha bw’ayo mahanga+ ni bwo butumye Yehova ayirukana. 5 Ubugororotsi bwanyu canke ukudahemuka kwanyu si vyo bitumye mwigarurira igihugu cabo. Ahubwo ububisha bw’ayo mahanga ni bwo butumye Yehova Imana yanyu ayirukana+, kugira ashitse ijambo Yehova yarahiye ba sokuruza banyu, Aburahamu+, Izahaki+ na Yakobo+. 6 Mumenye rero ko Yehova Imana yanyu atabahaye iki gihugu ciza ngo ni uko muri abagororotsi. Ahubwo muri intumva*+.
7 Mwibuke ingene mwateye ishavu Yehova Imana yanyu mu bugaragwa+. Ntimuze mwigere muvyibagira. Mwagumye mugarariza Yehova uhereye umusi mwava mu Misiri gushika mugeze ng’aha+. 8 N’i Horebu nyene mwarateye ishavu Yehova. Yehova yaciye ashavura cane ku buryo yagira abatikize+. 9 Igihe naduga ku musozi gutora vya bisate vy’amabuye+ biriko isezerano Yehova yagiraniye namwe+, namaze imisi 40 n’amajoro 40+ kuri wo ntarya kandi ntanywa n’amazi. 10 Yehova yaciye ampa ibisate bibiri vy’amabuye yanditseko n’urutoke rwiwe. Vyariko amajambo yose Yehova yababwiriye ku musozi, ayavugira mu muriro umusi mwari mukoranye*+. 11 Inyuma y’imisi 40 n’amajoro 40, Yehova yaciye ampa vya bisate bibiri vy’amabuye, ibisate biriko isezerano, 12 maze Yehova ambwira ati: “Manuka ningoga, kuko abantu bawe wakuye mu Misiri bakoze ivy’ubupfu+. Banyarutse guta inzira nabategetse kugenderamwo. Bihinguriye igishusho c’icuma*+.” 13 Yehova yaciye ambwira ati: “Narihweje aba bantu nsanga ni intumva+. 14 Reka nkwereke: ngira ndabatikize, nzimanganye amazina yabo munsi y’ijuru, hanyuma ndakugire ihanga rikomeye kandi rigizwe n’abantu benshi kubasumba+.”
15 Naciye manuka uwo musozi uriko urarurumba+, kandi nari mfise mu maboko vya bisate bibiri biriko isezerano+. 16 Hanyuma nararavye, nsanga mwacumuye kuri Yehova Imana yanyu! Mwari mwihinguriye inyana y’icuma. Mwari mwataye ningoga inzira Yehova yabategetse kugenderamwo+. 17 Naciye mfata vya bisate bibiri nari mfise mu maboko ndabiterera hasi, ndabisabiriza mu maso yanyu+. 18 Naciye mara imisi 40 n’amajoro 40 nunamira Yehova nk’ubwa mbere. Sinarya kandi sinanywa n’amazi+, kubera ibicumuro vyose mwari mwakoze mu gukora ibintu bibi imbere ya Yehova mukamubabaza. 19 Nari nagize ubwoba kuko Yehova yari yabashavuriye cane+, akaba yagira abatikize. Ariko n’ico gihe nyene Yehova yaranyumvirije+.
20 Yehova yarashavuriye cane Aroni ku buryo yagira amwice+, ariko n’ico gihe nyene naratakamvye ku bwa Aroni. 21 Naciye mfata iyo nyana+, ico kintu cari catumye mucumura maze ndagiturira. Narakimenaguye, ndagisya gushika aho kimera nk’umukungugu, maze ndawusuka mu ruzi rutemba ruva ku musozi+.
22 Mwarasubiriye kandi gutera ishavu Yehova i Tabera+, i Masa+ n’i Kiburoti-Hatava+. 23 Igihe na ho Yehova yabakura i Kadeshi-Baruneya+ akababwira ati: “Duga mwigarurire igihugu ngira ndabahe”, mwarongeye kugarariza itegeko rya Yehova Imana yanyu+. Ntimwamwizeye+ kandi ntimwamugamburukiye. 24 Mwagumye mugarariza Yehova kuva igihe nabamenya.
25 Namaze imisi 40 n’amajoro 40+ nza ndunamira Yehova. Nabigize gutyo kubera Yehova yari yavuze ko agira abatikize. 26 Naciye ntakambira Yehova nti: “Ewe Mukama Segaba Yehova, ntuhonye abantu bawe. Ni ihanga ryawe wigabira*+, iryo warokoye ukoresheje ububasha bwawe, ukarikura mu Misiri ukoresheje ukuboko kwawe gukomeye+. 27 Niwibuke abasavyi bawe Aburahamu, Izahaki na Yakobo+. Nturabe ukutagondwa kw’aba bantu, ububisha bwabo n’igicumuro cabo+. 28 Ahandiho abantu bo mu gihugu wadukuyemwo bohava bavuga ngo: ‘Yehova vyaramunaniye kubashikana mu gihugu yabasezeraniye. Yabakuye ino kugira abicire mu bugaragwa kubera abanka+.’ 29 Erega ni abantu bawe, ihanga ryawe wigabira+, iryo wakuye mu Misiri ukoresheje ububasha bwawe buhambaye n’ukuboko kwawe gukomeye+.”
10 Ico gihe Yehova yambwiye ati: “Niwibazire ibisate bibiri vy’amabuye nka bimwe vya mbere+, uce uduga unsange ku musozi. Uzokore kandi isandugu mu mbaho. 2 Nanje nzokwandika kuri ivyo bisate amajambo yari kuri vya bisate vya mbere wamena, nawe uzobishira muri iyo sandugu.” 3 Naciye nkora isandugu mu giti c’umunyinya nongera mbaza ibisate bibiri vy’amabuye nka bimwe vya mbere, ndaheza nduga umusozi mfise ivyo bisate bibiri mu ntoke+. 4 Yehova yaciye yandika kuri ivyo bisate amajambo nk’amwe yari yanditse ubwa mbere+, ni ukuvuga ya mabwirizwa cumi*+ Yehova yababwira ari ku musozi, akayavugira mu muriro+ umusi mwari mukoranye*+. Yaciye abimpa. 5 Naciye manuka uwo musozi+, ndaheza nshira ivyo bisate vy’amabuye muri ya sandugu nari nakoze nk’uko Yehova yari yantegetse, kandi n’ubu ni yo biri.
6 Abisirayeli baciye bava i Beroti Bene-Yakani baja i Mosera. Aho ni ho Aroni yapfiriye kandi ni ho bamuhamvye+. Umuhungu wiwe Eleyazari yaciye aba umuherezi mu kibanza ciwe+. 7 Bavuye ng’aho baciye baja i Gudigoda, hanyuma bava i Gudigoda baja i Yotibata+ mu gihugu c’imigezi* y’amazi.
8 Ico gihe ni ho Yehova yacagura umuryango w’Abalewi+ ngo barerure isandugu y’isezerano rya Yehova+, bahagarare imbere ya Yehova kugira bamukorere no kugira bahezagire abantu mw’izina ryiwe+ nk’uko biri gushika uyu musi. 9 Ni co gituma Abalewi ata mugabane canke intoranwa bahawe hamwe na benewabo. Yehova ni we ntoranwa yabo nk’uko Yehova Imana yanyu yabibabwiye+. 10 Naciye nguma ku musozi imisi 40 n’amajoro 40+ nka kumwe kwa mbere, kandi n’ico gihe nyene Yehova yaranyumvirije+. Yehova ntiyashatse kubahonya. 11 Yehova yahavuye ambwira ati: “Genda uyobore aba bantu, kugira baje kwigarurira igihugu narahiye ba sekuruza babo ko nzobaha+.”
12 Ubu rero yemwe Bisirayeli, none hari ikindi Yehova Imana yanyu abasaba+ atari ugutinya Yehova Imana yanyu+, kugendera mu nzira ziwe zose+, kumukunda, gukorera Yehova Imana yanyu n’umutima wanyu wose n’ubuzima bwanyu bwose+, 13 no gukurikiza amabwirizwa n’ivyagezwe vya Yehova ndabahaye uyu musi kugira bibagendere neza+? 14 Erega ijuru ni irya Yehova Imana yanyu, mbere ijuru ry’amajuru* hamwe n’isi n’ibiyiriko vyose+. 15 Ariko ba sokuruza banyu ni bo gusa Yehova yahisemwo kwiyegereza yongera arabakunda. Mwebwe uruvyaro rwabo+ ni mwe yahisemwo mu mahanga yose, nk’uko biri uyu musi. 16 Mutegerezwa rero gutyorora imitima yanyu+, mukareka kwigira intumva*+. 17 Kuko Yehova Imana yanyu ari Imana iruta izindi mana+, Umukama w’abakama, Imana ihambaye, ikomeye kandi iteye ubwoba, Imana itagira nkunzi+ kandi itarya igiturire. 18 Atunganiriza impfuvyi n’abapfakazi+ kandi arakunda kavamahanga+, akamuha ibifungurwa n’ivyambarwa. 19 Na mwebwe mukwiye gukunda kavamahanga, kuko mwabaye ba kavamahanga mu Misiri+.
20 Yehova Imana yanyu ni we mukwiye gutinya kandi ni we mukwiye gukorera+. Ni we mukwiye kwumirako, kandi izina ryiwe ni ryo mukwiye kurahira. 21 Ni we mukwiye gushemeza+. Ni Imana yanyu yabakoreye ibintu vyose bikomeye kandi biteye ubwoba mwiboneye n’amaso yanyu+. 22 Ba sokuruza banyu bamanutse mu Misiri ari abantu 70+, none ubu Yehova Imana yanyu yarabagwije nk’inyenyeri zo kw’ijuru+.
11 Mubwirizwa gukunda Yehova Imana yanyu+ kandi mukama mwubahiriza ivyo abasaba, ivyagezwe vyiwe, ingingo yashinze n’amabwirizwa yiwe. 2 Murazi neza ko ndiko mbwira mwebwe uyu musi, sindiko mbwira abana banyu batigeze bamenya canke babona ukuntu Yehova Imana yanyu atoza indero+, ukuntu ahambaye+ be n’ukuboko kwiwe gukomeye+ kandi kw’ububasha. 3 Ntibigeze babona ibimenyetso n’ibikorwa yakoreye mu Misiri, akabikorera umwami Farawo n’igihugu ciwe cose+. 4 Ntibabonye kandi ivyo yakoreye abasoda bo mu Misiri, amafarasi ya Farawo n’imikogote yiwe y’intambara, ingene vyarengewe n’amazi y’ikiyaga Gitukura igihe bariko baboma inyuma, Yehova agaca abahonereza rimwe bose+. 5 Ntibigeze babona n’ivyo yabakoreye mwebwe kuva mu bugaragwa gushika mushitse ng’aha, 6 canke ivyo yakoreye Datani na Abiramu abahungu ba Eliyabu mwene Rubeni, igihe isi yasama ikabamirana n’imiryango yabo, amahema yabo, ibitungwa vyose n’abantu bose bari kumwe na bo, kandi ivyo bikaba Abisirayeli bose babona+. 7 Mwariboneye n’amaso yanyu ibikorwa bihambaye vyose Yehova yakoze.
8 Mutegerezwa kwubahiriza amabwirizwa yose ndabahaye uno musi, kugira mube ihanga rikomeye maze mwigarurire ico gihugu kiri hakurya ya Yorodani 9 no kugira murambire+ mu gihugu Yehova yarahiye ko azoha ba sokuru banyu n’uruvyaro* rwabo+, igihugu gitemba amata n’ubuki+.
10 Igihugu mugiye kwigarurira ntikimeze nk’igihugu ca Misiri mwavuyemwo, aho mwatera imbuto mukazivomera mukoresheje ibirenge* nka kurya kw’umurima w’imboga. 11 Igihugu mugira mwigarurire ni igihugu cuzuyemwo imisozi n’ibiyaya+. Kivomerwa n’amazi y’imvura ivuye mw’ijuru+. 12 Ni igihugu Yehova Imana yanyu yitwararika. Yehova Imana yanyu acamizako ijisho, kuva umwaka utanguye gushika urangiye.
13 Nimwubahiriza mudaca ku ruhande amabwirizwa ndabahaye uyu musi, mugakunda Yehova Imana yanyu kandi mukamukorera n’umutima wanyu wose n’ubuzima bwanyu bwose+, 14 na we azoha* igihugu canyu imvura ku gihe kibereye, imvura y’agatasi n’iy’impeshi, kandi muzokwimbura intete, umuvinyu mushasha n’amavuta+. 15 Azotuma imirima yanyu imera ubwatsi bw’ibitungwa vyanyu kandi muzorya muhage+. 16 Murabe maso ntimureke imitima yanyu ngo ite umurongo, maze musenge izindi mana mwongere muzunamire+. 17 Ahandiho Yehova azobashavurira cane maze yugare ijuru kugira imvura ntisubire kugwa+. Isi izoca ireka kwimbuka kandi ntimuzoteba guhona mu gihugu ciza Yehova agira abahe+.
18 Aya majambo yanje muze muyashire ku mitima yanyu. Muze muyabohere ku maboko yanyu kugira muze murayibuka, kandi akwiye kuba nk’ikimenyetso* mu ruhanga* rwanyu+. 19 Muze muyigishe abana banyu, muyababwire igihe mwicaye mu mazu, igihe muriko muragenda ku nzira, igihe muryamye n’igihe muvyutse+. 20 Muze muyandike ku bishimaryango vy’amazu yanyu no ku marembo yanyu, 21 kugira mwe n’abana banyu murambire+ mu gihugu Yehova yarahiye ko azoha ba sokuru banyu+, igihe cose ijuru rizoba riri hejuru y’isi.
22 Nimwubahiriza neza aya mabwirizwa ndabahaye, mukayashira mu ngiro, mugakunda Yehova Imana yanyu+, mukagendera mu nzira ziwe zose kandi mukamwumirako+, 23 Yehova azokwirukana ayo mahanga yose ababise+, kandi muzokwomora amahanga akomeye kandi arimwo abantu benshi kubarusha+. 24 Ahantu hose muzohonyoza ikirenge hazoba rwanyu+. Urubibe rwanyu ruzova mu bugaragwa gushika i Libani, ruve kuri rwa ruzi ari rwo Efurate, rushike kuri ca kiyaga* co mu burengero+. 25 Nta muntu n’umwe azoshobora kubihanga+. Yehova Imana yanyu azotuma abantu bo mu gihugu cose mugiyemwo batekerwa n’ubwoba babatinye+, nk’uko yabibasezeraniye.
26 Raba uyu musi nshize imbere yanyu umuhezagiro n’umuvumo+: 27 nimwagamburuka amabwirizwa ya Yehova Imana yanyu ndabategetse uno musi, muzoronka umuhezagiro+, 28 ariko nimutagamburuka amabwirizwa ya Yehova Imana yanyu+, mugata inzira ndabategetse kugenderamwo uno musi maze mugakurikira imana mutigeze mumenya, muzoca muronka umuvumo.
29 Yehova Imana yanyu niyabashikana mu gihugu mugira mwigarurire, muzotangaza umuhezagiro muri ku musozi Gerizimu, umuvumo na wo muri ku musozi Ebali+. 30 None iyo misozi ntiri hakurya ya Yorodani amaja mu burengero, mu gihugu c’Abanyakanani baba muri Araba, aharabana n’i Gilugali, iruhande y’ibiti binini vya More+? 31 Mugira mujabuke uruzi Yorodani kugira mwigarurire igihugu Yehova Imana yanyu agira abahe+. Nimwamara kucigarurira mukakibamwo, 32 muze mwitwararike gushitsa amategeko yose n’ingingo zose ndabahaye uyu musi+.
12 Ng’aya amategeko n’ingingo muzokwitwararika gukurikiza imisi yose muzoba muri mu gihugu Yehova Imana ya ba sokuruza banyu azobaha ngo mucigarurire. 2 Mukwiye gukuraho burundu ibibanza vyose amahanga mugira mwirukane yahora asengeramwo imana zayo+, haba ku misozi miremire, ku mitumba canke munsi y’ibiti bitotahaye. 3 Muze musiture ibicaniro vyabo, mumenagure inkingi nyeranda zabo z’amabuye+, muturire ibikingi vyabo vyeranda vy’ibiti* mwongere mwicire ibishusho bibajwe vy’imana zabo+. Muze mufute amazina yazo muri ico kibanza+.
4 Ntimuze musenge Yehova Imana yanyu nk’uko ayo mahanga asenga imana zayo+. 5 Ahubwo muzoja gusengera Yehova Imana yanyu ahantu azoba yatoye mu miryango yanyu yose ngo hitirirwe* izina ryiwe yongere ahabe+. 6 Aho ni ho muzozana amashikanwa yanyu aturirwa+, ibimazi, ivy’icumi+, intererano+, amashikanwa yo gushitsa indagano, amashikanwa mutanga muvyishakiye+ hamwe n’ibitungwa bivutse ubwa mbere mu bitungwa vyanyu+. 7 Aho ni ho mwe n’imiryango yanyu muzobirira imbere ya Yehova+, muhimbarirwe ivyo mwakoze vyose+ kuko Yehova Imana yanyu azoba yabahezagiye.
8 Ntimuze mwigire nk’ibi turiko turigira ng’aha uno musi, aho umwe wese akora ivyo yishakiye*, 9 kuko mutarinjira ahantu muzoruhukira+, ahantu h’intoranwa Yehova Imana yanyu agira abahe. 10 Nimwajabuka Yorodani+ mukaba mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe, azobakingira abansi bose babakikuje, muheze mwibere mu mutekano+. 11 Muzozana ibintu vyose ndababwiye ahantu Yehova Imana yanyu azoba yatoye ngo hitirirwe izina ryiwe+, ni ukuvuga amashikanwa aturirwa, ibimazi, ivy’icumi+, intererano n’amashikanwa yose yo gushitsa ivyo mwasezeraniye Yehova. 12 Muzonezerwa imbere ya Yehova Imana yanyu+ mwe n’abahungu banyu, abakobwa banyu, abashumba banyu b’abagabo n’ab’abagore hamwe n’Abalewi baba mu bisagara* vyanyu, kuko ata mugabane canke intoranwa bahawe muri mwebwe+. 13 Muze mwiyubare ntimutangire amashikanwa yanyu aturirwa ahantu aho ari ho hose mubonye+. 14 Mutegerezwa kuyatangira gusa ahantu Yehova azoba yahisemwo mu karere k’umwe mu miryango yanyu. Aho ni ho muzokorera ibintu vyose ndabategetse+.
15 Ariko igihe cose muvyipfuje, murashobora kubaga igitungwa mukarya akanyama+ mu bisagara vyanyu vyose, bivanye n’ingene Yehova Imana yanyu azoba yabahezagiye. Uwuhumanye n’uwudahumanye bose barashobora kuzirya nka kurya barya ingeregere canke impongo. 16 Ariko ntimuze murye amaraso+. Mukwiye kuyasesa hasi nk’amazi+. 17 Ntimuzokwemererwa kurira mu bisagara vyanyu ic’icumi c’intete, ic’umuvinyu mushasha n’ic’amavuta, igitungwa kivutse ubwa mbere mu bitungwa vyanyu+, amashikanwa yo gushitsa indagano, amashikanwa mutanga muvyishakiye canke intererano mutanga. 18 Muzobirira imbere ya Yehova Imana yanyu, ahantu Yehova Imana yanyu azoba yahisemwo+. Muzobisangira n’abahungu banyu, abakobwa banyu, abashumba banyu b’abagabo n’ab’abagore hamwe n’Abalewi baba mu bisagara vyanyu. Muzohimbarirwa ivyo mwakoze vyose imbere ya Yehova Imana yanyu. 19 Muraba maso ntimuze mwirengagize Abalewi+ igihe cose muzoba muba mu gihugu canyu.
20 Yehova Imana yanyu niyamara kwagura akarere kanyu+ nk’uko yabibasezeraniye+, hanyuma mukavuga muti: “Dushaka kurya akanyama”, kubera mwumva mugakumbuye, muzokarya igihe cose muzoba mushatse+. 21 Ahantu Yehova Imana yanyu azoba yahisemwo gushira izina ryiwe+ nihababera kure, muzoshobora kubaga bimwe mu bitungwa vyanyu Yehova yabahaye nk’uko nabibategetse, muheze mubirire mu bisagara vyanyu igihe cose mushatse. 22 Muzobirya nka kurya murya ingeregere n’impongo+. Uwuhumanye n’uwudahumanye bose barashobora kubiryako. 23 Ariko muze mwiyubare ntimurye amaraso+, kuko amaraso ari bwo buzima+. Ntimuze murye inyama zikirimwo amaraso*. 24 Ntimuze murye amaraso. Mukwiye kuyasesa hasi nka kurya kw’amazi+. 25 Ntimuze muyarye kugira bibagendere neza mwe n’abana banyu, kuko muzoba mukoze ibintu vyiza mu maso ya Yehova. 26 Nimwaja ahantu Yehova azoba yatoye, muzotwara gusa ibintu vyanyu vyeranda n’amashikanwa yanyu yo gushitsa indagano. 27 Amashikanwa yanyu aturirwa, ni ukuvuga inyama n’amaraso+, muzobitangira ng’aho ku gicaniro ca Yehova Imana yanyu. Amaraso y’ibimazi vyanyu muzoyasuka iruhande y’igicaniro+ ca Yehova Imana yanyu, ariko inyama murashobora kuzirya.
28 Muze mwitwararike kugamburuka aya majambo yose ndabategetse kugira bizokwame bibagendera neza mwe n’uruvyaro rwanyu, kuko muzoba mukoze ibintu vyiza kandi bigororotse mu maso ya Yehova Imana yanyu.
29 Yehova Imana yanyu niyatikiza amahanga mugira mwomore+, hanyuma mukaba mu gihugu cabo, 30 muze mwiyubare ntimugwe mu mutego bamaze guhona bakava imbere yanyu. Ntimuze mubariritse ibijanye n’imana zabo ngo: “Aya mahanga yasenga imana zayo gute? Natwe tuzobigenza gutyo nyene+.” 31 Ntimuze musenge Yehova Imana yanyu muri ubwo buryo, kuko bahora bakorera imana zayo ibintu vyose bishisha kandi Yehova yanka, mbere bakanaturira abahungu babo n’abakobwa babo babahereza imana zabo+. 32 Muze mwitwararike gukurikiza amajambo yose ndabategetse+. Ntihaze hagire ico mwongerako, kandi ntihaze hagire ico mukurako+.
13 Muri mwebwe nihaduka umuhanuzi canke umuntu avuga ibizoba afatiye ku ndoto, akababwira ikimenyetso canke ikintu gitangaje kizoba, 2 hanyuma ico kimenyetso canke ico kintu gitangaje yavuze kikaba, maze akababwira ati: “Ingo dukurikire izindi mana twongere tuzikorere”, kandi ari imana mutigeze mumenya, 3 ntimuze mwumvirize amajambo y’uwo muhanuzi canke uwo murosi+, kuko Yehova Imana yanyu azoba ariko arabageza+ kugira arabe ko mukunda Yehova Imana yanyu n’umutima wanyu wose n’ubuzima bwanyu bwose+. 4 Mukwiye gukurikira Yehova Imana yanyu, mukamutinya. Mutegerezwa kugamburuka amabwirizwa yiwe kandi mukumviriza ijwi ryiwe. Ni we mukwiye gukorera kandi ni we mukwiye kwumirako+. 5 Uwo muhanuzi canke uwo murosi ategerezwa gupfa+, kuko yabasavye kugarariza Yehova Imana yanyu yabakuye mu gihugu ca Misiri, akabarokora mu gihugu mwabayemwo muri abashumba*. Uwo muntu azoba yashatse kubakura mu nzira Yehova Imana yanyu yabategetse kugenderamwo. Mutegerezwa gukura ikibi muri mwebwe+.
6 Mwenewanyu mwonse rimwe canke umuhungu wawe, umukobwa wawe, umugore wawe wikundira canke umugenzi wawe pfampfe, niyagerageza kukwosha mu mpisho akakubwira ngo: “Ingo tugende gusenga izindi mana+”, imana mwe na ba sokuruza banyu mutigeze mumenya, 7 imana z’amahanga abakikuje, yaba ayari hafi yanyu canke kure yanyu, kuva ku mpera y’igihugu gushika ku yindi, 8 ntuze wemere ivyo akubwiye canke ngo umwumvirize+. Ntuze umwumvire ikigongwe canke impuhwe kandi ntuze umukingire. 9 Ahubwo utegerezwa kumwica ata kabuza+. Hageze kumwica, ni wewe uzoba uwa mbere hanyuma abandi bakurikire+. 10 Mutegerezwa kumwicisha amabuye+, kuko azoba yashatse kubakura kuri Yehova Imana yanyu yabakuye mu Misiri, igihugu mwabayemwo muri abashumba. 11 Abisirayeli bose bazovyumva bagire ubwoba, kandi nta wuzosubira gukora ikibi nk’ico muri mwebwe+.
12 Nimwumva inkuru muri kimwe mu bisagara Yehova Imana yanyu agira abahe, mukumva bavuga ngo: 13 “Hari abagabo b’imburakimazi bariko bahenda abantu bo mu gisagara cabo bababwira bati: ‘Ingo tuje gusenga izindi mana’, imana mutigeze mumenya”, 14 muze musuzume ico kibazo, mugire amatohoza mwitonze kandi mubaririkirize neza+. Nimwasanga ico kintu gishisha carabaye koko muri mwebwe, 15 muzoce mwicisha inkota ababa muri ico gisagara+. Muze mutikize ico gisagara mukoresheje inkota, mutikize+ ibintu vyose biri muri co, harimwo n’ibitungwa. 16 Muze mwegeranirize mu kibanza rusangi* ivyo mwasahuye vyose, hanyuma muturire ico gisagara. Bizoba ishikanwa rya Yehova Imana yanyu riturirwa ryose*. Ico gisagara kizogume ari ikirundo c’ibihomvagurike. Ntihaze hagire uwusubira kucubaka. 17 Ntimuze mutore ku bintu vyagenewe gutikizwa+, kugira ngo ishavu rya Yehova rihere maze abagirire impuhwe n’ikigongwe, yongere abagwize nk’uko yarahiye ba sokuruza banyu+. 18 Mutegerezwa kugamburukira* Yehova Imana yanyu mu gukurikiza amabwirizwa yose ndabahaye uyu musi. Aho muzoba mukoze ibigororotse mu maso ya Yehova Imana yanyu+.
14 Muri abana ba Yehova Imana yanyu. Ntimuze mwikebagure+ canke ngo mwimwe ibigohe* kubera umuntu yapfuye+. 2 Muri ihanga ryeranda+ kuri Yehova Imana yanyu, kandi Yehova yarabatoye ngo mube abantu biwe, ihanga ryiwe ridasanzwe* mu yandi mahanga yose ari kw’isi+.
3 Ntimuze mwigere murya ikintu na kimwe gishisha+. 4 Ibi ni vyo bikoko mushobora kurya+: ishuri, intama, impene, 5 impongo, ingeregere, inzobe, impene yo mw’ishamba, ifumberi*, intama yo mw’ishamba hamwe n’intama yo mu misozi. 6 Murashobora kurya igikoko ico ari co cose cuza kandi gifise ikinono gisatuyemwo kubiri. 7 Ariko ibi bikoko vyuza canke bifise ikinono gisatuye ntimukwiye kubirya: ingamiya, urukwavu rwo mw’ishamba n’inkezi yo mu bitandara, kuko vyuza ariko bikaba bidafise ibinono bisatuye. Birahumanye kuri mwebwe+. 8 Ingurube na yo nyene ntimukwiye kuyirya, kuko ifise ikinono gisatuye mugabo ikaba ituza. Irahumanye kuri mwebwe. Ntimukwiye kurya inyama z’ivyo bikoko canke ngo mukore ku mivyimba yavyo.
9 Ibi ni vyo mushobora kurya mu bintu vyose biba mu mazi: ikintu cose gifise amababa n’ibigaragamba murashobora kukirya+. 10 Ariko ntimukwiye kurya ikintu na kimwe kidafise amababa n’ibigaragamba. Kirahumanye kuri mwebwe.
11 Murashobora kurya inyoni iyo ari yo yose idahumanye. 12 Ariko ibi ntimukwiye kubirya: inkona, kagoma, inkukuma yirabura+, 13 ikinyamwanira gitukura, ikinyamwanira cirabura n’ubundi bwoko bwose bw’ibinyamwanira, 14 ubwoko bwose bw’ibikona, 15 imbuni*, igihuna, inguriguri, ubwoko bwose bw’agaca, 16 agahuna gatoyi, igihuna c’amatwi maremare, imbata yo mu mazi, 17 inyanana, inkukuma, ikirovyi, 18 agasoza, ubwoko bwose bw’inyange, samunsure n’agahungarema. 19 Udukoko twose tw’amababa na two nyene turahumanye kuri mwebwe. Ntimukwiye kuturya. 20 Murashobora kurya igikoko cose kiguruka kidahumanye.
21 Ntimuze murye igitungwa na kimwe musanze capfuye+. Murashobora kugiha umunyamahanga aba mu bisagara* vyanyu akakirya canke mukakigurisha kuri we. Muri ihanga ryeranda kuri Yehova Imana yanyu.
Ntugateke umwagazi w’impene mu mata ya nyina+.
22 Mubwirizwa gutanga ic’icumi c’ibintu vyose vyeze mu mirima yanyu buri mwaka+. 23 Muzozana ic’icumi c’intete zanyu, ic’umuvinyu mushasha, ic’amavuta hamwe n’ibivutse ubwa mbere mu bitungwa vyanyu, muheze mubirire imbere ya Yehova Imana yanyu ahantu azoba yatoye ngo hitirirwe* izina ryiwe+, kugira mwige kwama mutinya Yehova Imana yanyu+.
24 Ariko urugendo nirwaba rurerure cane, bitumwe n’uko ahantu Yehova Imana yanyu azoba yatoye ngo izina ryiwe ribe+ ari kure, mukaba mudashoboye kubishikanayo (kuko Yehova Imana yanyu azoba yabahezagiye), 25 murashobora kuzoca mubigurisha, ayo mahera akaba ari yo mujana ahantu Yehova Imana yanyu azoba yatoye. 26 Ayo mahera muzoshobora kuyagura ikintu cose mwipfuza, yaba ari inka, intama, impene, umuvinyu canke izindi nzoga, ikintu ico ari co cose mushaka. Muzoheza mubirire imbere ya Yehova Imana yanyu, muhimbarwe muri kumwe n’imiryango yanyu+. 27 Ntimuze mwirengagize Abalewi baba mu bisagara vyanyu+, kuko ata mugabane canke intoranwa bahawe muri mwebwe+.
28 Uko haheze imyaka itatu, muzokwegeranya ic’icumi c’ivyo mwimbuye muri uwo mwaka, maze mubishire mu bisagara vyanyu+. 29 Hanyuma Abalewi (kuko ata mugabane canke intoranwa bahawe muri mwebwe), ba kavamahanga, impfuvyi hamwe n’abapfakazi baba mu bisagara vyanyu, bazoza babirye bahage+ kugira Yehova Imana yanyu abahezagire mu vyo mukora vyose+.
15 Uko haheze imyaka indwi, mukwiye guhebera abandi amadeni babafitiye+. 2 Uku ni ko muzobigenza: umuntu wese yahaye ideni mugenziwe azorimuhebera. Ntakwiye kwishuza mugenziwe canke mwenewabo, kuko bazoba batangaje uguheberanira amadeni nk’uko Yehova yabitegetse+. 3 Urashobora kurihisha umunyamahanga+, ariko ukwiye guhebera mwenewanyu ideni iryo ari ryo ryose agufitiye. 4 Nta n’umwe muri mwebwe akwiye kuba umukene, kuko Yehova atazobura kubahezagira+ mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe ngo kibe intoranwa yanyu, 5 mukire gusa kugamburukira Yehova Imana yanyu mudaca ku ruhande no kwubahiriza amabwirizwa yiwe yose ndabahaye uyu musi+. 6 Yehova Imana yanyu azobahezagira nk’uko yabibasezeraniye, kandi muzoha ingurane* amahanga menshi, ariko mwebwe nta we muzokwaka ingurane+. Muzoganza amahanga menshi, ariko yoyo ntazobaganza+.
7 Nihagira mwenewanyu akena muri kimwe mu bisagara vyo mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe, ntuze ukomantaze umutima canke ngo upfumbate ikiganza cawe imbere ya mwenewanyu akenye+. 8 Ukwiye gupfumbaturura cane ikiganza cawe+, ukamugurana ivyo akeneye vyose canke ivyo abuze vyose. 9 Uraba maso mu mutima wawe ntihaze haze iki ciyumviro kibi, ukibwira uti: “Umwaka ugira indwi, wa mwaka wo guheberanira amadeni uregereje+”, bigatuma wima mwenewanyu w’umukene, ntumuhe ikintu na kimwe. Niyatakambira Yehova akwidogera, uzoca wagirwa n’icaha+. 10 Ukwiye kumuha n’umutima ukunze+, ata kugonanwa*, kuko ivyo bizotuma Yehova Imana yawe ahezagira ivyo ukora vyose n’imigambi yawe yose+. 11 Mu gihugu hazokwamaho abakene+. Ni co gituma ndagutegetse nti: “Ukwiye gupfumbaturura cane ikiganza cawe, ugafasha mwenewanyu yigorewe kandi w’umukene ari mu gihugu cawe+.”
12 Mwenewanyu w’Umuheburayo canke w’Umuheburayokazi niyakwigurishako hanyuma akagukorera imyaka itandatu, ku mwaka ugira indwi ukwiye kumurekura akidegemvya+. 13 Kandi niwamurekura ntuze umurungike iminwe misa. 14 Ukwiye kumutekerera, ukamuha n’umutima ukunze ibivuye mu bitungwa vyawe, mu vyimburwa vyo ku mbuga* yawe no mu mato uganiramwo amavuta n’umuvinyu. Uzomuha bivanye n’ingene Yehova Imana yawe azoba yaguhezagiye. 15 Wibuke ko wabaye umushumba mu gihugu ca Misiri hanyuma Yehova Imana yawe akakurokora. Ni co gituma ndagutegetse kubigenza gutyo uyu musi.
16 Ariko umushumba wawe niyakubwira ati: “Nshaka kugumana nawe!” kubera agukunda mwe n’umuryango wawe, akaba yarahimbawe no kubana nawe+, 17 uzoca utora urushinge* umutoborere ugutwi ku muryango, aheze abe umushumba wawe ubuzima bwiwe bwose. Uzobigenza gutyo nyene no ku mushumba wawe w’umugore. 18 Ntuze ubabazwe n’uko umuretse akagenda, kuko ibikorwa yagukoreye mu myaka itandatu bingana n’ivyo umukozi uhemba yogukorera ubigwije kabiri. Yehova Imana yawe azoba yaguhezagiye mu vyo wakoze vyose.
19 Uzoshirira ku ruhande Yehova Imana yawe ikigabo cose kivutse ubwa mbere mu bitungwa vyawe+. Ntuzokoreshe igikorwa na kimwe inka* ivutse ubwa mbere, canke ngo umwe* ubwoya intama ivutse ubwa mbere. 20 Buri mwaka, mwe n’umuryango wawe muzokwama mubirira imbere ya Yehova Imana yanyu, ahantu Yehova azoba yatoye+. 21 Ariko nimba gifise akanenge, ni ukuvuga gicumbagira, gihumye canke gifise akandi kanenge gakomeye, ntimuze mugishikanire Yehova Imana yanyu+. 22 Muzokirira mu bisagara* vyanyu. Uwuhumanye n’uwudahumanye barashobora kukirya, nka kurya murya ingeregere canke impongo+. 23 Ariko ntimuze murye amaraso yaco+. Mukwiye kuyasesa hasi nka kurya kw’amazi+.
16 Mwibuke ko ukwezi kwa Abibu* guhambaye. Mutegerezwa guhimbaza Pasika ya Yehova Imana yanyu+ mu kwezi kwa Abibu, kuko muri ukwo kwezi ari ho Yehova Imana yanyu yabakuye mu Misiri mw’ijoro+. 2 Muze mushikanire Yehova Imana yanyu ikimazi ca Pasika+ kivuye mu bitungwa+, mugishikanire ahantu Yehova azoba yatoye ngo hitirirwe* izina ryiwe+. 3 Ntimuze mugikoze ikintu na kimwe kirimwo umwambiro+. Muzomara imisi indwi murya umukate utarimwo umwambiro, umukate w’amagorwa, kuko mwavuye mu Misiri gihutihuti+. Muzobigira gutyo kugira mwibuke umusi mwavuye mu Misiri igihe cose muzoba mukiriho+. 4 Muri iyo misi indwi, nta mwambiro ukwiye kuboneka aho muzoba muba hose+. Inyama z’ikimazi muzoba mwashikanye ku musi wa mbere ku mugoroba ntizikwiye kurara+. 5 Ntimuzopfa gushikanira ikimazi ca Pasika mu gisagara ico ari co cose mu bisagara Yehova Imana yanyu agira abahe. 6 Ahantu Yehova Imana yanyu azoba yatoye ngo hitirirwe izina ryiwe, ni ho muzoshikanira ico kimazi. Muzoshikana ikimazi ca Pasika ku mugoroba izuba rirenze+, kw’itariki ihuriranye n’igihe mwava mu Misiri. 7 Muzoteka ico kimazi kandi mukirire+ ahantu Yehova Imana yanyu azoba yatoye+. Bukeye muzoshobora gusubira mu mahema yanyu. 8 Muzomara imisi itandatu murya imikate itarimwo umwambiro. Ku musi ugira indwi muzogira ikoraniro ridasanzwe rya Yehova Imana yanyu. Nta gikorwa na kimwe mukwiye gukora+.
9 Mukwiye guharura amayinga indwi kuva mutanguye kwimbura ivyimburwa vy’intete+. 10 Muzoca muhimbaza umusi mukuru w’amayinga wa Yehova Imana yanyu+, mukoresheje amashikanwa mutanga muvyishakiye. Muzoyatanga mwisunze ukuntu Yehova Imana yanyu azoba yabahezagiye+. 11 Mukwiye kunezerwa imbere ya Yehova Imana yanyu, muri ahantu Yehova Imana yanyu azoba yatoye ngo hitirirwe izina ryiwe. Muzonezeranwa n’abahungu banyu, abakobwa banyu, abashumba banyu b’abagabo n’ab’abagore hamwe n’Abalewi bari mu bisagara* vyanyu, mutibagiye ba kavamahanga, impfuvyi n’abapfakazi baba muri mwebwe+. 12 Mwibuke ko mwabaye abashumba mu Misiri+. Mukwiye rero kwubahiriza ayo mategeko kandi mukayakurikiza.
13 Nimwamara kwegeranya ivyimburwa mwakubitiye ku mbuga hamwe n’ivyo mwaganiye mu mato y’amavuta n’ay’umuvinyu, muzomara imisi indwi muhimbaza umusi mukuru w’insago*+. 14 Muze muryoherwe kuri uwo musi mukuru+ mwe n’abahungu banyu, abakobwa banyu, abashumba banyu b’abagabo n’ab’abagore, mutibagiye Abalewi, ba kavamahanga hamwe n’impfuvyi n’abapfakazi baba mu bisagara vyanyu. 15 Muzomara imisi indwi muhimbaza umusi mukuru+ wa Yehova Imana yanyu, muwuhimbarize ahantu Yehova azoba yatoye, kuko Yehova Imana yanyu azohezagira ivyimburwa vyanyu vyose n’ivyo mukora vyose+. Muze murangwe n’umunezero gusa+.
16 Gatatu mu mwaka, abagabo bose bakwiye kuza imbere ya Yehova Imana yanyu ahantu azoba yatoye. Bazoza ku musi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro+, ku musi mukuru w’amayinga+ no ku musi mukuru w’insago+. Nta n’umwe akwiye kuza imbere ya Yehova iminwe misa. 17 Umwe wese azotanga bivanye n’ingene Yehova Imana yanyu azoba yamuhezagiye+.
18 Muze mushireho abacamanza+ n’abarongozi mu muryango umwumwe wose mu bisagara vyose Yehova Imana yanyu agira abahe, kandi bategerezwa gucira abantu imanza zigororotse. 19 Ntimuze mugoreke urubanza+. Ntimuzogire nkunzi+ canke ngo murye igiturire, kuko igiturire gihuma amaso abantu baciye ubwenge*+ kandi kigatuma abagororotsi bavuga ibigoramye. 20 Ubutungane, emwe ubutungane ni bwo mukwiye kwama mwisunga+, kugira mubandanye kubaho maze mwigarurire igihugu Yehova Imana yanyu agira abahe.
21 Ntimuze mutere igiti na kimwe ngo kibe inkingi nyeranda*+ hampande y’igicaniro mwubakiye Yehova Imana yanyu.
22 Ntimukwiye no kwishingira inkingi nyeranda z’amabuye+, kuko ari ikintu Yehova Imana yanyu yanka.
17 Ntimuze mushikanire Yehova Imana yanyu impfizi y’inka canke intama irwaye canke ifise akandi kanenge ako ari ko kose, kuko coba ari ikintu gishisha Yehova Imana yanyu+.
2 Dufate ko muri kimwe mu bisagara Yehova Imana yanyu agira abahe, hadutse umugabo canke umugore wo muri mwebwe akora ibintu bibi mu maso ya Yehova Imana yanyu, akarenga kw’isezerano ryiwe+, 3 hanyuma agata umurongo, agatangura gusenga izindi mana no kuzunamira, canke akunamira izuba, ukwezi canke izindi ngabo zose zo kw’ijuru+, ikintu ntigeze ndabategeka+. 4 Nibabamenyesha ico kintu canke mukacumva, mukwiye guca mugitohoza neza. Nimwasanga ico kintu gishisha carabaye vy’ukuri+ muri Isirayeli, 5 mutegerezwa kujana kw’irembo ry’igisagara uwo mugabo canke uwo mugore yakoze ico kibi, muheze mumwicishe amabuye+. 6 Umuntu akwiye kwicwa igihe gusa yagirijwe n’ivyabona bibiri canke bitatu+. Ntakwiye kwicwa yagirijwe n’icabona kimwe+. 7 Hageze kumwica, ivyabona ni bo bakwiye kuba aba mbere, hanyuma abandi bose bagakurikira. Mutegerezwa gukura ikibi muri mwebwe+.
8 Nihaboneka urubanza rugoye cane muri kimwe mu bisagara vyanyu, rwaba ari urujanye no gusesa amaraso+, kuburanira uburenganzira kanaka, ugukomerekanya canke ayandi matati, mukwiye kugenda ahantu Yehova Imana yanyu azoba yaratoye+. 9 Muzoja ku baherezi b’Abalewi no ku mucamanza+ azoba ahari muri ico gihe maze mubashikirize urwo rubanza, na bo bazobabwira ingingo bafashe+. 10 Mutegerezwa gushira mu ngiro ingingo bazoba babashikirije aho hantu Yehova azoba yaratoye. Muze mwitwararike gukurikiza ivyo bazoba bababwiye vyose. 11 Mutegerezwa kwisunga amategeko bazobereka n’ingingo bazobashikiriza+. Ntimuzoce ku ruhande ingingo bazoba babashikirije+. 12 Umuntu azokwishira hejuru ntiyumvirize uwo muherezi aserukira Yehova Imana yanyu canke uwo mucamanza, ategerezwa gupfa+. Mutegerezwa gukura ikibi muri Isirayeli+. 13 Abantu bose bazovyumva bagire ubwoba, kandi ntibazosubira kwishira hejuru+.
14 Nimwinjira mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe, mukacigarurira kandi mukakibamwo, hanyuma mukibwira muti: “Reka twishirireho umwami nk’ayandi mahanga yose adukikuje+”, 15 mutegerezwa kwimika umwami Yehova Imana yanyu azoba yabatoreye+. Muzokwimika umwami wo muri benewanyu. Ntimwemerewe kwimika umunyamahanga atari mwenewanyu. 16 Ariko rero, ntakwiye kwirundaniriza amafarasi+ canke ngo atume abantu basubira mu Misiri kugira agwize amafarasi+, kuko Yehova yabihanikirije ati: “Ntimuze musubire gufata iyi nzira.” 17 Ntakwiye kandi kurongora abagore benshi kugira ntibahave bazimiza umutima wiwe+. Ntakwiye no kwirundaniriza ifeza n’inzahabu+. 18 Niyaja ku ngoma, ategerezwa kwiyandikira aya mategeko mu gitabu* ciwe. Azoyimura ayakuye mu gitabu abaherezi b’Abalewi bazoba bafise+.
19 Ico gitabu ategerezwa kucamana hafi yiwe, kandi ategerezwa kugisoma imisi yose y’ubuzima bwiwe+, kugira yige gutinya Yehova Imana yiwe yongere yubahirize aya mategeko yose n’aya mabwirizwa mu kubishira mu ngiro+. 20 Ivyo bizotuma atishira hejuru ya benewabo, ntace ku ruhande aya mabwirizwa kugira ngo we hamwe n’abahungu biwe barambire ku ngoma muri Isirayeli.
18 Abaherezi b’Abalewi, mbere umuryango wose w’Abalewi, ntibazohabwa umugabane canke intoranwa muri Isirayeli. Bazorya ibimazi vya Yehova bashikanisha umuriro, ari vyo ntoranwa yiwe+. 2 Nta ntoranwa bazoronka muri benewabo. Yehova ni we ntoranwa yabo nk’uko yabibabwiye.
3 Ibi rero ni vyo abaherezi bafitiye uburenganzira ku vyo abantu batanga: umuntu wese atanze ikimazi, yaba impfizi y’inka canke intama, ategerezwa guha umuherezi igikenye c’ukuboko, imibangabanga be n’umushishito. 4 Muzomuha kandi intete mwimbuye ubwa mbere, umuvinyu mushasha, amavuta hamwe n’ubwoya bwa mbere mumoye ku bitungwa vyanyu+. 5 Yehova Imana yanyu yaratoye Lewi n’abahungu biwe mu miryango yanyu yose kugira bakorere abantu mw’izina rya Yehova igihe cose+.
6 Ariko Umulewi niyava muri kimwe mu bisagara vyo muri Isirayeli yari asanzwe abamwo+, akipfuza kuja ahantu Yehova azoba yaratoye*+, 7 arashobora gukora igikorwa c’ubuherezi mw’izina rya Yehova Imana yiwe nka benewabo bose b’Abalewi bakorera ng’aho imbere ya Yehova+. 8 Azoronka umugabane w’ibifungurwa ungana n’uwabo+, wiyongereye ku mahera aronka agurishije ivyo yarazwe na ba sekuru.
9 Nimwamara kwinjira mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe, ntimuze mugerageze kwigana ibintu bishisha ayo mahanga akora+. 10 Muri mwebwe ntihaze haboneke uwuturira umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe ngo amutangeko ikimazi+, uwupfumura+, uwukora ivy’amageza+, uwuragura+, umurozi+, 11 uwugundika* abandi, uwuhanuza abavugana n’abapfuye+, rumenyi+ canke uwuvugana n’abapfuye+. 12 Kuko uwukora ivyo bintu wese ashisha Yehova, kandi ivyo bintu bishisha ni vyo bitumye Yehova Imana yanyu yirukana ayo mahanga ngo ababise. 13 Mukwiye kuba intungane imbere ya Yehova Imana yanyu+.
14 Ayo mahanga mugira mwirukane yahora yumviriza abakora ivy’amageza+ n’abapfumura+, ariko mwebwe Yehova Imana yanyu ntabemerera gukora ibintu nk’ivyo. 15 Yehova Imana yanyu azobaha umuhanuzi ameze nkanje, amukuye muri benewanyu. Mukwiye kumwumviriza+. 16 Ivyo ni vyo mwasavye Yehova Imana yanyu i Horebu, igihe mwari mukoraniye hamwe+ maze mukavuga muti: “Dutabare ntidusubire kwumva ijwi rya Yehova Imana yacu canke kwitegereza uyu muriro ukomeye, ahandiho twopfa+.” 17 Yehova yaciye ambwira ati: “Ivyo bavuze ni vyiza. 18 Nzobaha umuhanuzi ameze nkawe+ avuye muri benewabo. Nzomubwira ivyo akwiye kuvuga+, na we azobabwira ivyo ndamutegetse vyose+. 19 Kandi umuntu wese atazokwumviriza ivyo uwo muhanuzi avuga mw’izina ryanje nzobimuhanira+.
20 Nihagira umuhanuzi yubahuka kuvuga ijambo ntamutumye, akarivuga mw’izina ryanje canke mw’izina ry’izindi mana, uwo muhanuzi ategerezwa gupfa+. 21 Ariko mwoshobora kwibaza muti: ‘Tuzomenya gute ko iryo jambo atari Yehova yarivuze?’ 22 Uwo muhanuzi niyavuga ibintu mw’izina rya Yehova hanyuma ivyo yavuze ntibibe canke ngo biranguke, Yehova rero si we azoba yabivuze. Uwo muhanuzi azoba yavuze ivyo yibwiye abitewe n’ubwibone. Ntimuze mumutinye.”
19 Yehova Imana yanyu niyarandura amahanga yo mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe, mukomora abantu baho maze mukaba mu bisagara vyabo no mu mazu yabo+, 2 muze mutore ibisagara bitatu mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe+. 3 Igihugu Yehova Imana yanyu azoba yabahaye muzokigaburamwo gutatu, hanyuma mugicemwo amabarabara kugira ngo umuntu yishe uwundi ashobore guhungira muri kimwe muri ivyo bisagara.
4 Igihe umuntu yishe mugenziwe atabishaka kandi akaba atari asanzwe amwanka, akwiye guca ahungirayo kugira abandanye kubaho+. 5 Nk’akarorero, igihe bajanye na mugenziwe mw’ishamba gusenya, hanyuma akaduza ishoka kugira yicire igiti, maze ishoka ikarokoka ikamutarukirako agapfa, uwo muntu akwiye guca ahungira muri kimwe muri ivyo bisagara kugira abandanye kubaho+. 6 Ahandiho uwuhora amaraso y’uwishwe+ yohava amwirukako yarunguye n’ishavu hanyuma akamufata akamwica, kuko ico gisagara coba kiri kure cane. Ariko ntiyari akwiye gupfa kuko atari asanzwe yanka mugenziwe+. 7 Ni co gituma ndabategetse nti: “Muze mutore ibisagara bitatu.”
8 Yehova Imana yanyu azokwagura akarere kanyu nk’uko yabirahiye ba sokuruza banyu+, kandi azobaha igihugu cose yabasezeraniye+. 9 (Ariko kugira ivyo bishoboke, mutegerezwa gukurikiza neza amabwirizwa yose ndabahaye uyu musi, mugakunda Yehova Imana yanyu kandi mukagendera mu nzira ziwe+.) Igihugu canyu rero nicamara kwaguka, muzokwongerako ibindi bisagara bitatu vy’ubuhungiro+. 10 Aho rero nta maraso y’intungane azoseseka+ mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe ngo kibe intoranwa yanyu, kandi ntimuzokwagirwa n’amaraso+.
11 Ariko nimba umuntu yari asanzwe yanka mugenziwe+, akamubundira maze akamukomeretsa cane agapfa, hanyuma agaca ahungira muri kimwe muri ivyo bisagara, 12 abashingantahe bo mu gisagara iwabo baze batume umuntu kumukurayo, maze bamushikirize uwuhora amaraso y’uwishwe. Ategerezwa gupfa+. 13 Ntimuze* mumwumvire akagongwe. Mutegerezwa gukura muri Isirayeli uwagiriwe no gusesa amaraso y’intungane+, kugira bibagendere neza.
14 Nimwamara kuronka intoranwa yanyu mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe, ntimuze mwimure uturimbi twa bagenzi banyu+ ngo mudukure aho ba sokuruza badushinze.
15 Icabona kimwe gusa ntigihagije kugira umuntu yagirwe n’icaha+. Ikintu cose gikwiye kwemezwa gishingiwe intahe n’ivyabona bibiri canke bitatu+. 16 Nihagira uwagiriza uwundi ikosa kanaka ku karenganyo+, 17 abo bantu babiri bafitaniye amatati baze bahagarare imbere ya Yehova n’imbere y’abaherezi n’abacamanza bazoba bariko barakora ico gihe+. 18 Abacamanza baze babitohoze bitonze+. Nibasanga ariko yagiriza ibinyoma mwenewabo, 19 mutegerezwa kumugirira nk’uko yagomba kugirira mwenewabo+. Mukwiye gukura ikibi muri mwebwe+. 20 Abasigaye bazovyumva batinye, kandi nta wuzosubira gukora ikibi nk’ico muri mwebwe+. 21 Ntimuze mumwumvire akagongwe+: ubuzima buze buhorwe ubundi, ijisho ku rindi, iryinyo ku rindi, ukuboko ku kundi n’ukuguru ku kundi+.
20 Nimwaja kurwana n’abansi banyu, mukabona bafise amafarasi, imikogote n’abasirikare benshi kubasumvya, ntimuze mubatinye, kuko Yehova Imana yanyu yabakuye mu Misiri ari kumwe namwe+. 2 Igihe muzoba mugira muje ku rugamba, umuherezi azoza maze avugane n’abantu+. 3 Azobabwira ati: “Nimwumve yemwe Bisirayeli, mugira murwane n’abansi banyu. Ntimushe coba. Ntimutinye, ntimuranduke umutima canke ngo mujugumire kubera bo, 4 kuko Yehova Imana yanyu agendana namwe kugira abarwanire yongere abakize+.”
5 Abarongozi na bo nyene baze babwire abantu bati: “Ni nde yubatse inzu ariko akaba atarayinjira? Nasubire muhira iwe kugira ntahave agwa ku rugamba hanyuma uwundi muntu akaba ari we ayinjira. 6 Ni nde yateye umurima w’imizabibu ariko akaba atarawimbura? Nasubire muhira iwe kugira ntahave agwa ku rugamba hanyuma uwundi muntu akaba ari we awimbura. 7 Ni nde yasavye umugeni ariko bakaba batarubakana? Nasubire muhira iwe+ kugira ntahave agwa ku rugamba hanyuma uwundi mugabo akaba ari we amutwara.” 8 Abarongozi kandi baze babaze abantu bati: “Ni nde afise ubwoba, yumva ko umutima utari mu nda+? Nasubire muhira iwe kugira ntahave atuma na bagenziwe imitima yabo ibavamwo*+.” 9 Abo barongozi nibaheza kuvugana n’abantu, bazoca bagena abakuru b’ingabo kugira bayobore abantu ku rugamba.
10 Nimwegera igisagara kugira mugitere, mukwiye kubamenyesha ibisabwa kugira mugiranire amahoro+. 11 Nibemera ko mugiranira amahoro bakabugururira amarembo, abantu bose bo muri ico gisagara bazoca baba rwanyu kugira mubakoreshe ibikorwa vy’agahato, babe abakozi banyu+. 12 Mugabo nibanka ko mugiranira amahoro, bagahitamwo kurwana namwe, muzoce mwugariza ico gisagara. 13 Yehova Imana yanyu azokibaha, kandi mutegerezwa kwicisha inkota abagabo bose bo muri co. 14 Ariko abagore, abana, ibitungwa n’ibintu vyose vyo muri ico gisagara, ni ukuvuga ibintu vyose vyo muri co mushobora gusahura, murashobora kubitwara+. Muzorya ibintu mwasahuye abansi banyu, ivyo Yehova Imana yanyu azoba yabahaye+.
15 Ukwo ni ko muzogirira ibisagara vyose biri kure yanyu rwose, ibisagara bitari ivy’aya mahanga abegereye. 16 Ariko ntimuze musigaze umuntu n’umwe* mu bisagara vy’aya mahanga Yehova Imana yanyu agira abahe ngo abe intoranwa yanyu+. 17 Abaheti, Abamori, Abanyakanani, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi+ mukwiye kubatikiza bose nk’uko Yehova Imana yanyu yabibategetse, 18 kugira ntibaze babigishe gukora ibintu vyose bishisha bakorera imana zabo, bigatuma mucumura kuri Yehova Imana yanyu+.
19 Nimwugariza igisagara kugira mugifate kandi hakaba haciye igihe kirekire mukirwanya, ntimuze mwicire ibiti biri muri co. Murashobora kurya ivyamwa vyavyo, ariko ntimuze muvyicire+. Mbega igiti co mw’ishamba kibaye umuntu ngo mucugarize? 20 Ibiti bitaribwa vyonyene ni vyo mushobora guhonya. Murashobora kuvyicira mukavyubakisha ibintu mukoresha mu gusugereza igisagara muriko murarwana, gushika mugifashe.
21 Nimwasanga ikiziga c’umuntu kirambaraye mu gahinga mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe, kandi uwamwishe akaba atamenyekanye, 2 abashingantahe banyu n’abacamanza banyu+ baze bagende bapime urugendo ruri hagati y’ico kiziga n’ibisagara biri hafi yaco. 3 Abashingantahe b’igisagara kiri hafi cane y’ico kiziga bazoca bafata ishashi y’inka itarakora igikorwa na kimwe, ishashi itarigera yikorera umutwaro*, 4 maze bayijane mu mwonga* urimwo amazi atemba, ahantu batararima canke ngo bateragire, baheze bayivunireyo izosi+.
5 Abaherezi ari bo Balewi bazoca baza, kuko ari bo Yehova Imana yanyu yatoye ngo bamukorere+ bongere bahezagire abantu mw’izina rya Yehova+. Bazobabwira ingene amatati yose ajanye n’ugukomerekanya akwiye gutorerwa umuti+. 6 Abashingantahe bose b’igisagara kiri hafi cane y’uwo muvyimba bazoca bakarabira+ hejuru y’iyo shashi bavuniye izosi mu mwonga, 7 maze bavuge bati: “Amaboko yacu si yo yasheshe aya maraso, kandi n’amaso yacu ntiyabonye uwayasheshe. 8 Ewe Yehova, ntuharure aya maraso ku bantu bawe b’Abisirayeli, abo warokoye+. Ntureke ngo icaha co gusesa amaraso y’intungane kigume ku bantu bawe b’Abisirayeli+.” Aho ni ho ico caha co gusesa amaraso kitazoharurwa kuri bo. 9 Muzoba mukuye icaha co gusesa amaraso y’intungane muri mwebwe, kuko muzoba mukoze ibigororotse mu maso ya Yehova.
10 Nimwaja kurwana n’abansi banyu hanyuma Yehova Imana yanyu akabafasha kubatsinda mukabagira imbohe+, 11 maze muri izo mbohe ukabonamwo umugore mwiza ukamushima, ugashaka kumutwara ngo abe umugore wawe, 12 urashobora kumuzana muhira iwawe. Azoheza yimoshe umushatsi, atunganye inzara ziwe, 13 yambure impuzu yaje yambaye hanyuma abe mu nzu yawe. Azomara ukwezi kwose aririra+ se na nyina. Inyuma y’aho urashobora kuryamana na we ukaba umugabo wiwe, na we akaba umugore wawe. 14 Ariko niwabona atakiguhimbara, uzomureka yigire+ iyo ashatse hose. Ntuze umugurishe canke ngo umufate nabi, kuko uzoba wamaze kumumaramaza.
15 Umugabo niyaba afise abagore babiri, akaba akunda umwe gusumba uwundi* ariko abo bagore bose bakaba baramuvyariye abahungu, kandi imfura ikaba ari iy’uwo mugore adakunda+, 16 ku musi wo guha intoranwa abahungu biwe ntibizoba vyemewe ko afata nk’imfura umuhungu w’umugore akunda, ngo amurutishe umuhungu w’umugore adakunda kandi ari we asanzwe ari imfura. 17 Akwiye kwemera ko umuhungu w’umugore adakunda ari we mfura mu kumuha imigabane ibiri y’ivyo atunze vyose, kuko ari we ntango y’ubushobozi bwiwe bwo kurondoka. Uburenganzira bw’imfura ni we bwegukira+.
18 Umuntu niyaba afise umwana w’intagondwa kandi w’umugarariji, akaba atubaha se na nyina+ kandi bakaba baragerageje kumukosora ntiyumve+, 19 se na nyina baze bamufate bamujane ku bashingantahe kw’irembo ry’igisagara cabo, 20 maze bababwire bati: “Uyu mwana wacu ni intagondwa, ni umugarariji kandi ntatwubaha. Ni umukunzi w’inda+ kandi ni imborerwa+.” 21 Abantu bose bo muri ico gisagara baze bamwicishe amabuye. Mukwiye gukura ikibi muri mwebwe, kandi Abisirayeli bose bazovyumva batinye+.
22 Umuntu niyakora igicumuro gituma yicwa, hanyuma mukamwica+ mukamumanika ku giti+, 23 ikiziga ciwe ntikize kirare ku giti+. Mutegerezwa kumuhamba kuri uwo musi nyene, kuko uwumanitswe aba ari ikivume ku Mana+. Ntimuze muhumanye igihugu Yehova Imana yanyu agira abahe ngo kibe intoranwa yanyu+.
22 Niwabona impfizi yʼinka ya mwenewanyu canke intama yiwe yazimiye, ntuze uyirengagize+. Utegerezwa kuyimugarurira. 2 Ariko nimba mwenewanyu ataba hafi yawe canke ukaba utamuzi, utegerezwa kujana ico gitungwa muhira iwawe kikagumaho gushika mwenewanyu akirondeye. Uzoheza ukimusubize+. 3 Ukwo nyene ni ko uzobigenza ku ndogobwa yiwe, ku mpuzu yiwe canke ikindi kintu cose camutakaranye hanyuma ukagitora. Ntuze uvyirengagize.
4 Niwabona indogobwa ya mwenewanyu canke impfizi yiwe yatemvye mu nzira, ntuze uyirengagize. Ukwiye kumufasha kuyivyura+.
5 Umugore ntakwiye kwambara impuzu z’abagabo, kandi n’umugabo ntakwiye kwambara impuzu z’abagore. Umuntu wese akora ivyo arashisha Yehova Imana yanyu.
6 Niwaba uri ku nzira ukabona icari c’inyoni kirimwo utwana twayo canke amagi yayo, caba kiri ku giti canke hasi, kandi nyina ikaba ibundikiriye utwo twana canke ayo magi, ntuze uyitwarane n’utwana twayo+. 7 Utwo twana urashobora kudutwara, ariko nyina utegerezwa kuyirekura. Uze ubigenze gutyo kugira bikugendere neza no kugira urambe.
8 Niwubaka inzu nshasha, utegerezwa kuyikikuza agahome hejuru+ kugira umuntu ntahave akoroka avuye kuri yo, bigatuma wagirwa n’amaraso*.
9 Ntihaze hagire iyindi mbuto utera mu murima wawe w’imizabibu*+. Atari ukwo, umwimbu wose w’iyo mbuto n’umwimbu w’iyo mizabibu vyose bizoca vyegukira ihema ryeranda.
10 Ntuze urimishe impfizi y’inka n’indogobwa biboheye ku ngogo* imwe+.
11 Ntuze wambare impuzu ikozwe mu nyuzi z’ubwoya zivanze n’inyuzi z’ilino*+.
12 Utegerezwa gushira ubushenza ku mitwe ine y’impuzu wambara+.
13 Umugabo niyarongora umugore hanyuma bakaryamana, mugabo mu nyuma akamwanka*, 14 akamwagiriza ko yigenjeje nabi kandi akamusiga iceyi mu kuvuga ati: “Uyu mugore naramutwaye, ariko igihe naryamana na we, nta kimenyamenya nabonye c’uko yari akiri isugi.” 15 Se w’uwo mukobwa na nyina wiwe baze bazane ikimenyamenya c’uko yari akiri isugi, bagishikirize abashingantahe kw’irembo ry’igisagara. 16 Se wiwe aze abwire abo bashingantahe ati: “Uyu mugabo naramuhaye umukobwa wanje ngo bubakane, none ehe raba yamwanse 17 kandi ariko amwagiriza ko yigenjeje nabi mu kuvuga ngo: ‘Nta kimenyamenya nabonye c’uko yari akiri isugi.’ Ng’iki rero ikimenyamenya c’uko umukobwa wanje yari akiri isugi.” Bazoca basanza iyo mpuzu imbere y’abashingantahe b’ico gisagara. 18 Abashingantahe b’ico gisagara+ bazoca bafata uwo mugabo bamukosore+. 19 Bazomuca amande ya shekeli* 100 z’ifeza maze bayahe se w’uyo mukobwa, kuko uwo mugabo yambitse ibara umukobwa w’isugi wo muri Isirayeli+, kandi azoguma ari umugore wiwe. Igihe cose azoba akiriho nta burenganzira azoba afise bwo kumwirukana.
20 Ariko nimba ivyo amwagiriza ari ukuri, bagasanga nta kimenyamenya kihari c’uko uwo mukobwa yari isugi, 21 bazoce bamuzana ku muryango w’inzu ya se, maze abagabo bo mu gisagara c’iwabo bamwicishe amabuye, kuko azoba yakoze ikintu giteye isoni+ muri Isirayeli mu gusambanira* mu nzu ya se+. Ukwo ni ko muzokura ikibi muri mwebwe+.
22 Umugabo niyafatwa aryamanye n’umugore w’abandi, uwo mugabo hamwe n’uwo mugore bose bategerezwa kwicwa+. Ukwo ni ko muzokura ikibi muri Isirayeli.
23 Nimba hari umukobwa w’isugi arehejwe hanyuma uwundi mugabo akamusanga mu gisagara akaryamana na we, 24 mukwiye kubazana bose kw’irembo ry’igisagara maze mukabicisha amabuye. Uwo mukobwa azokwicwa kubera atakomye induru kandi yari mu gisagara, uwo mugabo na we yicwe kubera yamaramaje umugore wa mugenziwe+. Ukwo ni ko muzokura ikibi muri mwebwe.
25 Ariko nimba uwo mugabo yasanze uwo mukobwa mu gahinga hanyuma akamufata ku nguvu akaryamana na we, uwo mugabo azokwicwa wenyene. 26 Ntihaze hagire ico mugira uwo mukobwa, kuko ata caha azoba yakoze cotuma yicwa. Ni nka kurya umuntu yogurukira kuri mugenziwe akamwica+. 27 Uwo mugabo azoba yamusanze mu gahinga kandi uwo mukobwa azoba yakomye induru, ariko abura uwumutabara.
28 Umugabo niyabona umukobwa w’isugi atarehejwe, akamufata akaryamana na we maze bagafatwa+, 29 uwo mugabo ategerezwa guha se w’uwo mukobwa shekeli 50 z’ifeza, kandi uwo mukobwa azoca aba umugore wiwe+. Igihe cose uwo mugabo azoba akiriho, nta burenganzira azoba afise bwo kumwirukana kuko azoba yamumaramaje.
30 Ntihaze hagire umugabo atwara umugore wa se wiwe, kuko yoba amaramaje se wiwe*+.
23 Nta mugabo afise amatengatwa amenetse canke uwo baciye igihimba ciwe c’irondoka akwiye kuba mu bagize ishengero rya Yehova+.
2 Nta mwana w’ikivyarwa akwiye kuba mu bagize ishengero rya Yehova+. Mbere no gushika ku runganwe* rwiwe rugira cumi, nta n’umwe mu bamukomokako akwiye kuba mu bagize ishengero rya Yehova.
3 Nta Mwamoni canke Umunyamowabu akwiye kuba mu bagize ishengero rya Yehova+. Mbere no gushika ku runganwe rwabo rugira cumi, nta n’umwe mu babakomokako akwiye kuba mu bagize ishengero rya Yehova, 4 kuko batabahaye ibifungurwa n’amazi igihe mwariko muva mu Misiri+, kandi barahaye impembo Balamu umuhungu wa Beyori w’i Petori h’i Mezopotamiya kugira abavume+. 5 Ariko Yehova Imana yanyu yaranse kwumviriza Balamu+. Ahubwo Yehova Imana yanyu yaciye ahindura uwo muvumo awugira umuhezagiro+, kuko Yehova Imana yanyu yabakunze+. 6 Ntimuze mwigere mubaronderera amahoro canke ineza+.
7 Ntimuze mwanke Umwedomu kuko ari mwenewanyu+.
Ntimuze mwanke Umunyamisiri, kuko mwabaye ba kavamahanga mu gihugu ciwe+. 8 Abana babo b’urunganwe rugira gatatu barashobora kuba mu bagize ishengero rya Yehova.
9 Nimwashinga ikambi kugira murwane n’abansi banyu, mutegerezwa kwirinda ikintu cose cobahumanya*+. 10 Umugabo niyahumana kubera imbuto zamuvuyemwo mw’ijoro+, akwiye kuja inyuma y’ikambi kandi ntasubire kwinjira. 11 Hageze ku mugoroba akwiye kwiyoga n’amazi, agaca asubira mw’ikambi izuba rirenze+. 12 Muze mutegekanye ahantu hiherereye hanze y’ikambi, abe ari ho muza muraja kwituma. 13 Muzokwame mwitwaza imambo mu bikoresho vyanyu. Igihe muzoba mugiye kwituma, muzoyikoresha mu kwimba ikinogo hanyuma mufurire umwanda mukuru ubavuyemwo. 14 Kuko Yehova Imana yanyu agendagenda mw’ikambi yanyu+ kugira abarokore no kugira abafashe gutsinda abansi banyu. Ikambi yanyu rero itegerezwa kuba nyeranda+, kugira ntahave abona ikintu na kimwe gishisha muri mwebwe agaca areka kujana namwe.
15 Umushumba niyatoroka shebuja agahungira iwanyu, ntimuze mumusubize shebuja. 16 Arashobora kuba aho ashatse hose mu bisagara vyanyu. Ntimuze mumufate nabi+.
17 Nta mukobwa w’Umwisirayelikazi akwiye kuba umumaraya*+, kandi nta muhungu w’Umwisirayeli akwiye kuba umumaraya+. 18 Ntihaze hagire uwuzana mu nzu ya Yehova Imana yanyu amahera yarishwe* umumaraya w’umugore canke w’umugabo* kugira ashitse indagano, kuko abo bose bashisha Yehova Imana yanyu.
19 Ntimuze musabe mwenewanyu inyungu+, haba ku mahera, ku bifungurwa canke ikindi kintu ico ari co cose umuntu yosabako inyungu. 20 Murashobora gusaba inyungu umunyamahanga+, ariko ntimuze musabe inyungu mwenewanyu+, kugira Yehova Imana yanyu abahezagire mu vyo mukora vyose mu gihugu mugira mwigarurire+.
21 Nimwagirira indagano Yehova Imana yanyu+, ntimuze mutebe kuyishitsa+ kuko Yehova Imana yanyu atazobura kuyibishuza. Nimwateba kuyishitsa muzoba mucumuye+. 22 Ariko nimutagira indagano, ntimuzokwagirwa n’igicumuro+. 23 Indagano zanyu zimeze nk’ishikanwa mutanga muvyishakiye. Mutegerezwa rero gushitsa ivyo musezeraniye Yehova Imana yanyu+.
24 Niwaja mu murima w’imizabibu wa mugenzawe, urashobora kurya izo ushaka zose gushika uhage, ariko ntihaze hagire izo utekera ngo utware+.
25 Niwaja mu murima w’ingano wa mugenzawe, urashobora gushikura n’intoke amahundo yeze, ariko ntuze ushiremwo agakero+.
24 Umugabo niyatwara umugore ariko ntamushime kubera yamubonyeko ikintu kitabereye, aze amwandikire urupapuro rwo kwahukana arumuhe+, maze amwirukane mu nzu yiwe+. 2 Amaze kuva mu nzu yiwe, arashobora kwubakana n’uwundi mugabo+. 3 Uwo mugabo agira kabiri niyamwanka*, akamwandikira urupapuro rwo kwahukana akarumuha, maze akamwirukana mu nzu yiwe canke agapfa, 4 umugabo wiwe wa mbere nta burenganzira azoba afise bwo gusubira kumutwara, kuko azoba yamaze guhumana. Ico ni ikintu gishisha Yehova. Ntimuze mukwegere igicumuro igihugu Yehova Imana yanyu agira abahe ngo kibe intoranwa yanyu.
5 Umugabo aheruka kwubaka urwiwe ntakwiye kuja mu gisoda canke ngo ahabwe ikindi gikorwa ico ari co cose. Akwiye kumara umwaka wose ata bikorwa ahabwa, agume muhira kugira anezereze umugore wiwe+.
6 Nta n’umwe akwiye gufata urusyo rw’umuntu canke ingasiro yarwo ngo abigire ingwati+, kuko yoba agize ingwati ivyari bimutunze*.
7 Umuntu niyafatwa yanyuruje Umwisirayeli mwenewabo, akaba yamufashe nabi akongera akamugurisha+, uwamunyuruje ategerezwa gupfa+. Mukwiye gukura ikibi muri mwebwe+.
8 Nihaduka indwara y’imibembe*, muze mwitwararike gukora ivyo abaherezi b’Abalewi bazobategeka vyose+. Muze mukurikize neza ivyo nategetse abaherezi. 9 Mwibuke ivyo Yehova Imana yanyu yakoreye Miriyamu igihe mwariko murava mu Misiri+.
10 Niwaha mugenzawe ingurane iyo ari yo yose+, ntuze winjire mu nzu yiwe gutora ico yagwatirije. 11 Uzoguma hanze hanyuma uwo muntu akuzanire hanze ico kintu yagwatirije. 12 Nimba uwo muntu ari umukene, ntuze urarane impuzu yiwe yagwatirije+. 13 Utegerezwa kumusubiza impuzu yiwe izuba rikimara kurenga, kugira aronke ico arara yipfutse+. Na we azoguhezagira, kandi uzoba ukoze ibigororotse imbere ya Yehova Imana yawe.
14 Ntukarenganye umukozi ari mu ngorane canke w’umukene, yaba ari mwenewanyu canke kavamahanga aba mu bisagara* vyanyu, mu gihugu canyu+. 15 Ukwiye kumuhemba kuri uwo musi nyene+ izuba ritararenga, kuko yikeneye kandi iyo mpembo akaba ari yo azeyeko uburaro n’uburamuko. Ahandiho azotakambira Yehova akurega, kandi uzoca wagirwa n’icaha+.
16 Se w’umwana ntaze yicwe kubera igicumuro c’umwana wiwe, kandi n’umwana nyene ntaze yicwe kubera igicumuro ca se wiwe+. Umuntu akwiye kwicwa kubera igicumuro ciwe bwite+.
17 Ntimuze mugoreke urubanza rwa kavamahanga canke rw’impfuvyi+, kandi ntimuze mufate impuzu y’umupfakazi ngo muyigire ingwati+. 18 Mwibuke ko mwabaye abashumba mu Misiri, hanyuma Yehova Imana yanyu akabarokora+. Ni co gituma ndabategetse kubigenza gutyo.
19 Nimwimbura imirima yanyu hanyuma mukibagirira umuganda mu murima, ntimuze mugaruke kuwutora. Mukwiye kuwurekera ba kavamahanga, impfuvyi n’abapfakazi+, kugira Yehova Imana yanyu abahezagire mu vyo mukora vyose+.
20 Nimwimbura imyelayo* yo ku biti vyanyu, ntimuze mugaruke guhungurura iyasigaye ku mashami. Ivyasigaye mukwiye kubirekera ba kavamahanga, impfuvyi n’abapfakazi+.
21 Nimwimbura imirima yanyu y’inzabibu, ntimuze mugaruke gutora ivyasigaye. Mukwiye kubirekera ba kavamahanga, impfuvyi n’abapfakazi. 22 Mwibuke ko mwabaye abashumba mu gihugu ca Misiri. Ni co gituma ndabategetse kubigenza gutyo.
25 Abantu nibagiriranira amatati, barashobora kwitura abacamanza kugira babatunganirize+. Uwuri mu kuri bazomwambika izera, uwuri mw’ikosa na we bamukubite intahe mu gahanga+. 2 Uwuri mw’ikosa niyaba akwiye gukubitwa+, umucamanza azomutegeka aryame hasi yubitse inda hanyuma akubitwe uwo mucamanza abona. Igitigiri c’inkoni azokubitwa gikwiye kuba gihuye n’ikosa yakoze. 3 Barashobora kumukubita gushika ku nkoni 40+, ariko ntibaze bazirenze. Hamwe bomukubita izirenze izo, mwenewanyu yohava amaramarira imbere yanyu.
4 Ntimuze muzibire umunwa w’impfizi iriko irakubita ibinyantete+.
5 Nimba hari abahungu bavukana babana hafi, hanyuma umwe muri bo agapfa ata muhungu asize, umugore w’uwo yapfuye ntaze arongorwe n’umugabo atava muri uwo muryango. Muramuwe ategerezwa kumucura*, abe umugore wiwe+. 6 Umuhungu uwo mugore azotangura kuvyara azokwitirirwa izina rya wa mugabo wiwe yapfa+, kugira izina ryiwe ntirizimangane muri Isirayeli+.
7 Uwo mugabo niyanka gutwara uwo mugore asigwa na mwenewabo, uwo mugore azoca aja ku bashingantahe kw’irembo ry’igisagara, ababwire ati: “Muramwanje yanse kuzigama izina rya mwenewabo muri Isirayeli. Yanse kuncura.” 8 Abashingantahe bo mu gisagara iwabo bazoca bamuhamagara bavugane na we. Niyabandanya kwanka, akavuga ati: “Sinshaka kumutwara”, 9 uwo mugore azoca amwegera imbere y’abashingantahe, amukure ikirato*+ maze amucire mu maso, amubwire ati: “Ukwo ni ko bakwiye kugirira umugabo adashaka kwubaka urugo rwa mwenewabo.” 10 Inyuma y’ivyo, izina ry’uwo muryango* muri Isirayeli rizoca riba: “Nzu y’uwambuwe ikirato.”
11 Abagabo babiri nibarwana hanyuma umugore w’umwe akaza gutabara umugabo wiwe, maze agacakira ibihimba vy’irondoka vy’uwuriko akubita umugabo wiwe, 12 mutegerezwa kumuca ukuboko. Ntimuze* mumwumvire akagongwe.
13 Mw’isaho yawe ntihakwiye kubamwo ubwoko bubiri bw’amabuye y’umunzane+, rinini na ritoyi. 14 Ntuze utunge mu nzu yawe ingero* zibiri zitandukanye zo gupimisha+, ingero nini na ntoyi. 15 Mukwiye kwama mufise amabuye y’umunzane akwiye kandi y’ukuri, hamwe n’ingero ikwiye kandi y’ukuri, kugira muze murambire mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe+. 16 Kuko umuntu* wese akora ibintu nk’ivyo ashisha Yehova Imana yanyu+.
17 Mwibuke ivyo Abamaleki babakoreye igihe mwava mu Misiri+, 18 ingene babasanze ku nzira bagatera abari inyuma yanyu bose bagenda bariyandaza kubera uburuhe n’intege nke. Ntibatinye Imana. 19 Yehova Imana yanyu niyamara kubakiza abansi bose babakikuje, akabaha akaruhuko mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe ngo kibe intoranwa yanyu+, muze muzimanganye Abamaleki ntibasubire kwibukwa munsi y’ijuru+. Ntimuze muvyibagire.
26 Nimwamara kwinjira mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe ngo kibe intoranwa yanyu, mukacigarurira maze mukakibamwo, 2 muze mutore bikeyi ku vyeze ubwa mbere* mu bintu vyose mwimbuye mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe. Muzobishira mu giseke hanyuma mubijane ahantu Yehova Imana yanyu azoba yatoye ngo hitirirwe* izina ryiwe+. 3 Muzoja ku muherezi azoba ariko arakora muri iyo misi, mumubwire muti: “Uyu musi ndamenyesheje Yehova Imana yawe ko ninjiye mu gihugu Yehova yarahiye ba sokuruza bacu ko azoduha+.”
4 Umuherezi azoca yakira ico giseke mu maboko yawe, agishire imbere y’igicaniro ca Yehova Imana yawe. 5 Uzoheza uvugire imbere ya Yehova Imana yawe uti: “Dawe yari Umwaramu+ abayeho aza arimuka*. Yaragiye mu Misiri+ hanyuma abayo ari umunyamahanga, ari kumwe n’abantu bakeyi bo mu rugo rwiwe+. Ari ng’aho mu Misiri yaracitse ihanga rinini, rikomeye kandi rigizwe n’abantu benshi+. 6 Ariko Abanyamisiri baradufashe nabi, baraducinyiza kandi badukoresha ibikorwa biruhisha vy’abashumba+. 7 Twaciye dutangura kuririra Yehova Imana ya ba sokuruza bacu, kandi Yehova yarumvise amarira yacu, arabona amarushwa yacu, ingorane hamwe n’agacinyizo twarimwo+. 8 Yehova yahavuye adukura mu Misiri akoresheje ukuboko gukomeye kandi kw’ububasha+, ibikorwa biteye ubwoba hamwe n’ibimenyetso be n’ibitangaro+. 9 Yaciye atuzana ng’aha, aduha iki gihugu gitemba amata n’ubuki+. 10 Ubu rero nzanye ivyeze ubwa mbere mu vyo nimbuye mu gihugu Yehova yampaye+.”
Uzoca ushira ico giseke imbere ya Yehova Imana yawe, hanyuma wuname imbere ya Yehova Imana yawe. 11 Uzoheza uhimbarirwe ivyiza vyose Yehova Imana yawe yaguhaye mwe n’umuryango wawe, uri kumwe n’Abalewi na ba kavamahanga baba muri mwebwe+.
12 Niwaheza kwegeranya+ ic’icumi c’umwimbu wawe wose mu mwaka ugira gatatu, ari wo mwaka wo gutanga ic’icumi, uzobiha Abalewi, abanyamahanga, impfuvyi n’abapfakazi baba mu bisagara* vyanyu, na bo babirye bahage+. 13 Uzoheza uvugire imbere ya Yehova Imana yawe uti: “Nakuye mu nzu yanje umugabane mweranda, maze ndawuha Abalewi, ba kavamahanga, impfuvyi n’abapfakazi+, nk’uko wabintegetse. Sinarenze amabwirizwa yawe canke ngo ndayirengagize. 14 Sinabiriyeko ngandaye kandi sinakuyeko na dukeyi mpumanye canke ngo ndabitangeko ku bw’abapfuye. Naragamburukiye Yehova Imana yanje, kandi narakoze ivyo wantegetse vyose. 15 Ubu rero nurabe hasi uri mw’ijuru, ahantu heranda wibera, maze uhezagire abantu bawe b’Abisirayeli n’igihugu waduhaye+, igihugu gitemba amata n’ubuki+ nk’uko warahiye ba sokuruza bacu+.”
16 Uyu musi Yehova Imana yanyu abategetse gukurikiza aya mabwirizwa n’aya mategeko. Mutegerezwa kuyubahiriza kandi mukayakurikiza n’umutima wanyu wose+ n’ubuzima bwanyu bwose. 17 Uyu musi Yehova arabemereye ko azoba Imana yanyu nimwagendera mu nzira ziwe, mukagamburuka amategeko yiwe, amabwirizwa yiwe+ n’ingingo yashinze+, kandi mukumviriza ijwi ryiwe. 18 Uyu musi namwe muremereye Yehova ko muzoba abantu biwe, ihanga ryiwe ridasanzwe*+ nk’uko yabibasezeraniye, be n’uko muzokwubahiriza amabwirizwa yiwe yose. 19 Kandi nk’uko yabisezeranye, nimwerekana ko muri beranda kuri Yehova Imana yanyu+, na we azobashira hejuru y’ayandi mahanga yose yaremye+, bitume mushemagizwa, mube rurangiranwa mwongere muterwe iteka.»
27 Maze Musa ari kumwe n’abashingantahe bo muri Isirayeli, ategeka abantu ati: «Nimwubahirize amabwirizwa yose ndabahaye uyu musi. 2 Umusi muzojabuka Yorodani mukinjira mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe, muze mushinge amabuye maninimanini hanyuma muyasige ishwagara+. 3 Muze muyandikeko aya mategeko yose, hanyuma mubone kwinjira mu gihugu Yehova Imana yanyu agira abahe, igihugu gitemba amata n’ubuki, nk’uko Yehova Imana ya ba sokuruza banyu yabibasezeraniye+. 4 Nimwamara kujabuka Yorodani, muze mushinge ayo mabuye ku musozi Ebali+ hanyuma muyasige ishwagara nk’uko ndabibategetse uyu musi. 5 Muze muhubake kandi igicaniro ca Yehova Imana yanyu, igicaniro c’amabuye. Ntihaze hagire icuma muyakozako+. 6 Ico gicaniro ca Yehova Imana yanyu muze mucubakishe amabuye atabajwe, hanyuma mugishikanireko ibimazi biturirwa vya Yehova Imana yanyu. 7 Muze mushikane ibimazi vyo gusangira+ hanyuma mubirire aho nyene+, muhimbarwe imbere ya Yehova Imana yanyu+. 8 Muze mwandike neza aya mategeko yose kuri ayo mabuye+.»
9 Musa n’abaherezi b’Abalewi baca babwira Abisirayeli bati: «Yemwe Bisirayeli, nimuhore mwumvirize! Uyu musi mucitse ihanga rya Yehova Imana yanyu+. 10 Mutegerezwa kwumviriza ijwi rya Yehova Imana yanyu, kandi mugakurikiza amabwirizwa yiwe+ n’amategeko yiwe ndabahaye uyu musi.»
11 Nuko kuri uwo musi, Musa ategeka abantu ati: 12 «Nimwamara kujabuka Yorodani, iyi ni yo miryango izohagarara ku musozi Gerizimu+ kugira ihezagire abantu: umuryango wa Simeyoni, uwa Lewi, uwa Yuda, uwa Isakari, uwa Yozefu n’uwa Benyamini. 13 Iyi miryango na yo izohagarara ku musozi Ebali+ kugira itangaze umuvumo: umuryango wa Rubeni, uwa Gadi, uwa Asheri, uwa Zabuloni, uwa Dani n’uwa Nafutali. 14 Abalewi na bo bazobwira Abisirayeli bose n’ijwi rirenga+ bati:
15 “Aravumwe umuntu wese ahingura igishusho c’ikibazano+ canke igishusho c’icuma*+, ikintu gishisha Yehova+ cakozwe n’umuhinguzi w’utugenegene* hanyuma akakinyegeza.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen*!”)
16 “Aravumwe umuntu wese asuzugura se canke nyina+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)
17 “Aravumwe umuntu wese yimura akarimbi ka mugenziwe+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)
18 “Aravumwe umuntu wese azimiza impumyi+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)
19 “Aravumwe umuntu wese agoreka urubanza+ rwa kavamahanga, rw’impfuvyi canke rw’umupfakazi+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)
20 “Aravumwe umuntu wese aryamana n’umugore wa se, kuko aba amaramaje se wiwe*+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)
21 “Aravumwe umuntu wese aryamana n’igikoko+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)
22 “Aravumwe umuntu wese aryamana na mushikiwe, yaba ari uwo basangiye se canke nyina+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)
23 “Aravumwe umuntu wese aryamana na inabukwe+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)
24 “Aravumwe umuntu wese yibundira mugenziwe akamwica+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)
25 “Aravumwe umuntu wese yakira igiturire co kwica intungane+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)
26 “Aravumwe umuntu wese atazokwubahiriza aya mategeko ngo ayakurikize+.” (Abantu bose bazoce bishura bati: “Amen!”)
28 Nimwumviriza neza ijwi rya Yehova Imana yanyu, mukitwararika gukurikiza amabwirizwa yiwe yose ndabategetse uno musi, Yehova Imana yanyu ntazobura kubashira hejuru y’ayandi mahanga yose yo kw’isi+. 2 Iyi mihezagiro yose izobazako ibahamvye+, kuko muzoba mwagumye mwumviriza ijwi rya Yehova Imana yanyu:
3 Muzohezagirwa mu bisagara, muhezagirwe no mu misozi+.
4 Abana banyu*, umwimbu wanyu, uruvyaro rw’ibitungwa vyanyu, imitavu y’inka zanyu n’imyagazi y’intama zanyu bizohezagirwa+.
5 Ibiseke vyanyu+ n’ibibakure mukoreramwo ibikandu bizohezagirwa+.
6 Muzohezagirwa aho muzoja hose no mu vyo muzokora vyose*.
7 Yehova azotuma mutsinda abansi baje kubatera+. Bazozanana inzira imwe baje kubatera, ariko bazobahunga baciye mu nzira indwi+. 8 Yehova azohezagira ibigega vyanyu+ n’ibikorwa vyanyu vyose. Emwe, Yehova Imana yanyu azobahezagira mu gihugu agira abahe. 9 Nimwabandanya gukurikiza amabwirizwa ya Yehova Imana yanyu, mukagendera mu nzira ziwe, Yehova na we azobagira ihanga ryiwe ryeranda+ nk’uko yabibarahiye+. 10 Amahanga yose yo kw’isi azobona ko mwitirirwa izina rya Yehova+, kandi azobatinya+.
11 Yehova azobahunda imihezagiro muronke abana benshi, ibitungwa vyinshi n’umwimbu mwinshi+ mu gihugu Yehova yarahiye ba sokuruza banyu ko azobaha+. 12 Yehova azobugururira ikigega ciwe ciza ari ryo juru, kugira aronse igihugu canyu imvura ku gihe ciza+ no kugira ahezagire ivyo mukora vyose. Muzoha ingurane amahanga menshi, ariko mwebwe ntimuzosaba ingurane+. 13 Nimwaguma mugamburuka amabwirizwa ya Yehova Imana yanyu ndabahaye uyu musi kugira muyubahirize mwongere muyakurikize, Yehova azobagira umutwe, ntazobagira umurizo. Azobashira hejuru+, ntazobashira hasi. 14 Mutegerezwa gukurikiza neza amabwirizwa yose ndabahaye uyu musi, ntimukatire iburyo canke ibubamfu+ kugira mukurikire izindi mana ngo muzikorere+.
15 Ariko nimutumviriza ijwi rya Yehova Imana yanyu, ntimwiteho gukurikiza amabwirizwa yiwe yose n’ivyagezwe vyiwe ndabahaye uyu musi, iyi mivumo yose izobazako ibahamvye+:
16 Muzovumwa mu bisagara, muvumwe no mu misozi+.
17 Ibiseke vyanyu+ n’ibibakure mukoreramwo ibikandu bizovumwa+.
18 Abana banyu*, umwimbu wanyu, imitavu y’inka zanyu n’imyagazi y’intama zanyu bizovumwa+.
19 Muzovumwa aho muzoja hose no mu vyo muzokora vyose*.
20 Yehova azovuma ivyo mukora vyose. Azotuma muta umutwe, abahane gushika muzimanganye, kandi muzohona mu kanya isase kubera ibibi muzoba muriko murakora no kubera muzoba mwamuhevye+. 21 Yehova azotuma indwara zibumirako gushika abaherengeteje mu gihugu mugira mwigarurire+. 22 Yehova azobateza igituntu, inyonko ikaze+, ubuvyimbe, ubushuhe bukaze hamwe n’inkota+. Azotuma ibiterwa vyanyu bibabuka yongere abiteze ingese y’ibiterwa*+, kandi ivyo biza vyose bizobakurikirana gushika muherengeteye. 23 Ijuru ryo hejuru yanyu rizomera nk’umujumpu, isi iri munsi yanyu na yo imere nk’icuma+. 24 Yehova azotuma mu gihugu canyu hagwa intumo n’umukungugu mu gishingo c’imvura, gushika muherengeteye mwese. 25 Yehova azotuma mutsindwa n’abansi banyu+. Muzojana inzira imwe mugiye kubatera, ariko muzobahunga muciye mu nzira indwi. Ubwami bwose bwo kw’isi buzotekerwa n’ubwoba bubonye ibiriko birabashikira+. 26 Imivyimba yanyu izoribwa n’inyoni zo mu kirere n’ibikoko vyo kw’isi, kandi nta n’umwe azobitera ubwoba+.
27 Yehova azobateza vya bihute vyo mu Misiri, ibivyimba, uruherehere n’ibiturika, ivyo mutazoshobora gukira. 28 Yehova azobateza indwara y’ibisazi, uruhumyi+ n’ukuzazanirwa. 29 Muzogenda murakabakaba ku mutaga nka kurya kw’impumyi+, kandi ntimuzororanirwa mu vyo muzokora vyose. Bazokwama babanyaga utwanyu bongera babiba, kandi nta n’umwe azobatabara+. 30 Uzosaba umugeni, ariko uwundi mugabo amushurashuze ku nguvu. Uzokwubaka inzu ariko ntuzoyibamwo+. Uzotera umurima w’imizabibu, ariko ntuzokwigera wamura ivyamwa vyawo+. 31 Impfizi yawe bazoyikerera ubona, ariko ntuzoyiryako na gatoyi. Indogobwa yawe bazoyikwiba ubona, ariko ntuzosubira kuyironka. Abansi bawe bazogutwara intama zawe, ariko nta wuzogutabara. 32 Abahungu bawe n’abakobwa bawe bazotwarwa n’irindi hanga ubona+. Uzokwama wipfuza kubabona ariko ata co uri buhindure. 33 Umwimbu wo mu mirima yanyu n’ibifungurwa vyanyu vyose bizoribwa n’abantu mutazi+. Bazokwama babanyaga utwanyu bongera babacinyiza. 34 Ivyo muzobona n’amaso yanyu bizotuma mucika abasazi.
35 Yehova azobateza ibihute bibabaza kandi bidakira ku mavi no ku matako, emwe muzobirwara kuva mu birenge gushika ku mutwe*. 36 Mwe n’umwami muzoba mwimitse ngo abaganze, Yehova azobashorera abajane mw’ihanga mwe na ba sokuruza banyu mutigeze mumenya+, kandi ng’aho muzokorera izindi mana, imana zikozwe mu biti n’amabuye+. 37 Muzocika akajoreza, musigare mugayitse, mube n’akamenyo imbere y’amahanga yose Yehova azobajanamwo+.
38 Muzotera imbuto nyinshi ariko muzokwimbura bike+, kuko inzige zizobirya. 39 Muzotera imirima y’imizabibu mwongere muyikorere, ariko nta muvinyu muzonywa. Nta na kimwe muzokwimbura+ kuko bizoribwa n’udukoko*. 40 Akarere kanyu kose kazoba kuzuyemwo ibiti vy’imyelayo*, ariko nta mavuta muzokwisiga kuko imyelayo yanyu izotibagurika. 41 Muzovyara abahungu n’abakobwa, ariko ntibazoguma ari rwanyu kuko bazogirwa imbohe+. 42 Ibiti vyanyu vyose n’ibiterwa vyo mu mirima yanyu bizoribwa n’udukoko. 43 Kavamahanga aba muri mwebwe azoguma atera imbere, namwe mugume musubira inyuma. 44 Azobaha ingurane, ariko mwebwe nta ngurane muzomuha+. Azoba umutwe, namwe mube umurizo+.
45 Iyi mivumo yose+ izobazako, ibakurikire kandi ibahamvye gushika muherengeteye mwese+, kuko mutazoba mwumvirije ijwi rya Yehova Imana yanyu, ngo mukurikize amabwirizwa yiwe n’ivyagezwe vyiwe ndabategetse uyu musi+. 46 Izoguma kuri mwebwe no ku ruvyaro rwanyu nk’ikimenyetso camaho n’imburi+, 47 kuko mutakoreye Yehova Imana yanyu muhimbawe kandi munezerewe mu mutima, igihe mwari mufise umusesekara muri vyose+. 48 Yehova azorungika abansi banyu babatere. Muzobakorera+ mushonje+, munyotewe, mwambaye ubusa kandi ata kintu na kimwe mufise. Azobaremeka umutwaro* kw’izosi gushika abaherengeteje mwese.
49 Yehova azorungika ihanga rya kure+ rivuye ku mpera y’isi kugira rize kubatera, ribagurukireko nka kurya kw’inkona+. Ni ihanga rivuga ururimi mutumva+, 50 ihanga rifise mu maso hateye ubwoba, ihanga ritazokwumvira akagongwe abatama canke abana+. 51 Bazorya ibitungwa vyanyu n’umwimbu wanyu gushika mutikiye. Nta na kimwe bazobasigariza, zaba ari intete, umuvinyu mushasha, amavuta, imitavu y’inka canke imyagazi y’intama, gushika babaherengeteje+. 52 Bazobugariza, babugaranire mu bisagara* vyanyu vyose mu gihugu canyu, gushika impome zanyu ndende kandi zikomeye mwari mwizigiye zitemvye. Emwe, bazobugariza mu bisagara vyanyu vyose mu gihugu Yehova Imana yanyu yabahaye+. 53 Muzobwirizwa kurya abana banyu*, inyama z’abahungu banyu n’abakobwa banyu+ Yehova Imana yanyu yabahaye, bitumwe n’ukwugarizwa gukaze be n’amaganya menshi abansi banyu bazobateza.
54 Mbere n’umugabo afise impuhwe kandi yadibamye kurusha abandi muri mwebwe, ntazokwumvira akagongwe mwenewabo, umugore wiwe yikundira canke abana biwe basigaye. 55 Ntazobaha ku nyama z’abana biwe azoba ariko ararya, kuko ata co azoba asigaranye bitewe n’ukwo kwugarizwa gukaze be n’amaganya menshi abansi banyu bazobateza mu bisagara vyanyu+. 56 Umugore wo muri mwebwe afise impuhwe kandi yadibamye, umwe adashobora no guhonyoza ikirenge hasi kubera yamenyereye kudibama+, ntazokwumvira akagongwe umugabo wiwe yikundira, umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe. 57 Mbere n’ingovyi ivuye hagati y’amaguru yiwe hamwe n’abana yivyariye ntazovyumvira akagongwe. Azobirya yinyegeje, bitewe n’ukwo kwugarizwa gukaze be n’amaganya menshi abansi banyu bazoteza mu bisagara vyanyu.
58 Nimutubahiriza aya mategeko yose yanditswe muri iki gitabu+ canke ngo mutinye iri zina rininahaye kandi riteye ubwoba+, ni ukuvuga izina rya Yehova+ Imana yanyu, 59 Yehova azobateza ivyago bikomeye cane mwe n’uruvyaro rwanyu, ivyago bikaze kandi bimara igihe kirekire+ hamwe n’indwara ziteye ubwoba kandi zimara igihe kirekire. 60 Azobateza za ndwara zo mu Misiri mwahora mutinya, kandi zizobumirako. 61 Vyongeye, Yehova azobateza indwara zose n’ivyago vyose bitanditswe mu gitabu kirimwo aya mategeko, gushika muzimanganye. 62 Naho mwagwiriye mukangana n’inyenyeri zo kw’ijuru+, muzosigara muri inkehwa+ kuko mutumviye Yehova Imana yanyu.
63 Nk’uko Yehova yahimbawe no kubahezagira akabagwiza, ni ko nyene Yehova azohimbarwa no kubatikiza abaherengeteze. Azobarandura mu gihugu mugira mwigarurire.
64 Yehova azobashwiragiza mu mahanga yose, kuva ku mpera imwe y’isi gushika ku yindi+. Muri ayo mahanga muzokorera imana z’ibiti n’amabuye, imana mwe na ba sokuruza banyu mutigeze mumenya+. 65 Nta mahoro n’akaruhuko muzoronka muri ayo mahanga+. Yehova azotuma mwamana amaganya mu mutima+, atume amaso yanyu ayama kandi muzokwama mwihebuye+. 66 Ubuzima bwanyu buzoja mu kaga cane, kandi muzokwamana ubwoba ijoro n’umurango. Muzorara ntibuca. 67 Kubera muzoba mutekewe n’ubwoba no kubera ivyo muzoba muriko murabona, bukeye muzovuga muti: “Icoduha bukira!”, bwije na ho muvuge muti: “Icoduha bugaca!” 68 Yehova azobasubiza mu Misiri muri mu bwato*, mugire rwa rugendo nababwira ko mutazosubira kugira. Muri hiyo muzorondera kwigurisha ku bansi banyu ngo mubabere abashumba, ariko ntimuzoronka uwubagura.»
29 Aya ni yo majambo y’isezerano Yehova yategetse Musa ngo agiranire n’Abisirayeli mu gihugu ca Mowabu, yiyongera kw’isezerano yagiraniye na bo i Horebu+.
2 Nuko Musa ahamagara Abisirayeli bose ababwira ati: «Mwariboneye n’amaso yanyu ibintu vyose Yehova yakoreye mu Misiri, abikorera Farawo n’abasuku biwe bose hamwe n’igihugu ciwe cose+, 3 vya bihano* bikomeye, ni ukuvuga vya bimenyetso n’ibitangaro bikomeye mwibonera n’amaso yanyu+. 4 Ariko Yehova ntiyabahaye umutima wo gutahura, amaso yo kubona n’amatwi yo kwumva gushika n’uyu musi+. 5 Yavuze ati: “Mu myaka 40 namaze ndabayobora mu bugaragwa+, impuzu zanyu ntizabahereyeko kandi n’ibirato* vyanyu ntivyabahereyeko+. 6 Nta mukate mwariye, kandi nta n’umuvinyu canke izindi nzoga mwanyoye, kugira mumenye ko ndi Yehova Imana yanyu.” 7 Mwahavuye mushika ng’aha, hanyuma Sihoni umwami wa Heshiboni+ na Ogi umwami wa Bashani+ baca baza kudutera, ariko twarabatsinze+. 8 Twaciye dufata igihugu cabo maze tugiha Abarubeni, Abagadi n’igice c’umuryango w’Abamanase kugira kibe intoranwa yabo+. 9 Nimwubahirize rero amajambo y’iri sezerano kandi muyagamburuke, kugira ngo ivyo mukora vyose bize bibagendere neza+.
10 Uyu musi mwese muhagaze imbere ya Yehova Imana yanyu: abakuru b’imiryango yanyu, abashingantahe banyu, abarongozi banyu, abagabo bose bo muri Isirayeli, 11 abana banyu, abagore banyu+ na ba kavamahanga+ baba mw’ikambi yanyu, kuva ku wubasenyera inkwi gushika ku wubavomera amazi. 12 Muri ng’aha kugira mugiranire isezerano na Yehova Imana yanyu biciye ku ndahiro, iryo Yehova Imana yanyu agiraniye namwe uno musi+, 13 kugira abagire ihanga ryiwe+ yongere abe Imana yanyu+, nk’uko yabibasezeraniye kandi akabirahira ba sokuruza banyu Aburahamu+, Izahaki+ na Yakobo+.
14 Iri sezerano rero sindarigiraniye na mwebwe mwenyene gusa, 15 ariko ndarigiraniye n’abahagararanye natwe ng’aha uyu musi imbere ya Yehova Imana yacu hamwe n’abatari kumwe natwe uyu musi. 16 (Kuko muzi neza ingene twabaye mu gihugu ca Misiri n’ingene twaciye mu mahanga atandukanye mu rugendo rwacu+. 17 Kandi mwarabonye ibintu bishisha hamwe n’ibigirwamana bisesemye*+ bikozwe mu biti no mu mabuye no mw’ifeza n’inzahabu vyari hagati yabo.) 18 Muri mwebwe muri hano uyu musi, mwiyubare ntihaze hagire uwuheba Yehova Imana yacu ngo aje gukorera imana z’ayo mahanga+, yaba umugabo canke umugore, urugo canke umuryango. Ntihaze haboneke muri mwebwe umuzi wama icamwa c’ubumara n’umururazi*+.
19 Ariko umuntu niyumva amajambo y’iyi ndahiro, hanyuma akirata mu mutima wiwe akibwira ati: “Nta co nzoba naho noguma nikorera ivyo nishakiye”, bigatuma yonona ibiri mu nzira yiwe vyose*, 20 Yehova ntazokwigera amubabarira+. Yehova azomushavurira cane kandi imivumo yose yanditswe muri iki gitabu izomuzako+. Emwe, Yehova azozimanganya izina ryiwe munsi y’ijuru. 21 Yehova azomutandukanya n’iyindi miryango yose y’Abisirayeli kugira amuteze ivyago. Imivumo yose ishikira abarenze kw’isezerano ryanditswe muri iki gitabu c’amategeko izomuzako.
22 Abazobakomokako mu nyuma hamwe n’abanyamahanga bava mu gihugu ca kure bazobona ivyago n’indwara Yehova azoba yarateje ico gihugu. 23 Bazobona kandi ingene gisigaye cuzuyemwo amazuku*, umunyu n’umuriro ku buryo ata kintu na kimwe cohamera, ata n’icatsi kiharangwa, hasigaye hameze nk’ibisagara vya Sodomu na Gomora+, Adima na Zeboyimu+, bimwe Yehova yatikiza yarakaye. 24 Abazobakomokako na ba kavamahanga hamwe n’amahanga yose bazovuga bati: “Kubera iki Yehova yagiriye gutya iki gihugu+? Ni igiki catumye arungura n’ishavu uku kwose?” 25 Maze abantu bazobishura bati: “Ni kubera barenze kw’isezerano bagiraniye na Yehova+ Imana ya ba sekuruza babo, iryo yagiraniye na bo igihe yabakura mu Misiri+. 26 Bagiye gukorera izindi mana bongera barazunamira, imana batigeze bamenya kandi akaba atari yarabemereye kuzisenga+. 27 Yehova yaciye ashavurira cane abantu bo muri iki gihugu, maze akizanako imivumo yose yanditswe muri iki gitabu+. 28 Yehova yaciye abarandura muri co n’ishavu n’akantu+, abangariza mu kindi gihugu kandi ni yo bakiri gushika n’uyu musi+.”
29 Ibintu bihishijwe ni ivya Yehova Imana yacu+, ariko ibihishuwe ni ivyacu n’uruvyaro rwacu ibihe bidahera, kugira dukurikize ibiri muri aya mategeko vyose+.
30 Ayo majambo yose niyabarangukirako, yaba imihezagiro canke imivumo ndabashize imbere+, hanyuma mukavyibuka+ muri mu mahanga yose Yehova Imana yanyu azoba yabashwiragijemwo+, 2 maze mukagaruka kuri Yehova Imana yanyu+ mwe n’abana banyu, mukumviriza ijwi ryiwe n’umutima wanyu wose n’ubuzima bwanyu bwose+ nk’uko ndabibategetse uyu musi, 3 Yehova Imana yanyu rero azogarukana abantu banyu bari bagizwe imbohe+, abababarire+ yongere asubire abegeranye abakuye mu mahanga yose Yehova Imana yanyu yari yarabashwiragijemwo+. 4 Naho abantu banyu boba barashwiragiye gushika ku mpera y’isi, Yehova Imana yanyu azobegeranya abagarukane+. 5 Yehova Imana yanyu azobagarukana mu gihugu ba sokuru banyu bigaruriye, giheze kibe rwanyu. Azotuma muroranirwa kandi azobagwiza gusumba ba sokuru banyu+. 6 Yehova Imana yanyu azotyorora imitima yanyu n’imitima y’uruvyaro rwanyu+, kugira mukunde Yehova Imana yanyu n’umutima wanyu wose n’ubuzima bwanyu bwose, mubone kubaho+. 7 Yehova Imana yanyu azoca azana iyo mivumo yose ku bansi banyu bahora babanka bakabahama+.
8 Muzoheza rero musubire kwumviriza ijwi rya Yehova mwongere mugamburuke amabwirizwa yiwe yose ndabahaye uno musi. 9 Yehova Imana yanyu azobahezagira cane mu vyo muzokora vyose+. Azogwiza abana banyu, ibitungwa vyanyu n’umwimbu wanyu, kuko Yehova azosubira guhimbarwa no kubahezagira, nk’uko yahimbawe no guhezagira ba sokuruza banyu+. 10 Ico gihe muzokwumviriza ijwi rya Yehova Imana yanyu kandi muzokurikiza amabwirizwa yiwe n’ivyagezwe vyiwe vyanditswe muri iki gitabu c’amategeko. Muzogaruka kuri Yehova Imana yanyu n’umutima wanyu wose n’ubuzima bwanyu bwose+.
11 Aya mabwirizwa ndabahaye uno musi, si amananiza kuri mwebwe kandi ntari kure yanyu+. 12 Ntari mw’ijuru ku buryo mwovuga ngo: “Ni nde azoduga mw’ijuru kuyatuzanira kugira tuyumve maze tuyakurikize+?” 13 Ntari no hakurya y’uruzi ku buryo mwovuga ngo: “Ni nde azojabuka kuyatuzanira kugira tuyumve maze tuyakurikize?” 14 Kuko ayo majambo ari hafi yanyu rwose, mu kanwa kanyu no mu mitima yanyu+ kugira muyakurikize+.
15 Raba uyu musi nshize imbere yanyu ubuzima n’urupfu, iciza n’ikibi+. 16 Nimwumviriza amabwirizwa ya Yehova Imana yanyu ndabategetse uno musi, mugakunda Yehova Imana yanyu+, mukagendera mu nzira ziwe kandi mugakurikiza amabwirizwa yiwe, ivyagezwe vyiwe n’ingingo yashinze, muzobandanya kubaho+ mugwire, kandi Yehova Imana yanyu azobahezagira mu gihugu mugira mwigarurire+.
17 Ariko imitima yanyu niyava ku Mana+, mukanka kuyumviriza kandi mukemera kwoshwa mukunamira izindi mana mukazikorera+, 18 emwe, ndabarahiye uno musi ko mutazogenda mudatikiye+. Ntimuzorambira mu gihugu mugira mwigarurire mumaze kujabuka Yorodani. 19 Ehe nshize imbere yanyu ubuzima n’urupfu, umuhezagiro n’umuvumo, kandi ijuru n’isi ni vyo vyabona vyanje uyu musi+. Mutegerezwa guhitamwo ubuzima kugira mubandanye kubaho+ mwe n’uruvyaro rwanyu+. 20 Nimukunde rero Yehova Imana yanyu+, mwumvirize ijwi ryiwe kandi mumwumireko+ kuko ari we buzima bwanyu. Ni we azotuma murambira mu gihugu Yehova yarahiye ko azoha ba sokuruza banyu Aburahamu, Izahaki na Yakobo+.»
31 Maze Musa aragenda, abwira Abisirayeli bose aya majambo. 2 Ababwira ati: «Ubu mfise imyaka 120+. Singishoboye kubayobora*, kuko Yehova yambwiye ati: “Ntuzojabuka uru ruzi Yorodani+.” 3 Yehova Imana yanyu azojabuka imbere yanyu. Ubwiwe azotikiza ayo mahanga ari imbere yanyu muheze mwigarurire igihugu cayo+. Yosuwa ni we azobajabukana hakurya ya Yorodani+ nk’uko Yehova yabivuze. 4 Yehova azoyatikiza nk’uko yatikije Sihoni+ na Ogi+, ba bami b’Abamori hamwe n’igihugu cabo+. 5 Yehova azobafasha kuyatsinda kandi mutegerezwa kuyagirira ibintu vyose nabategetse+. 6 Nimugire umutima rugabo+ kandi mukomere. Ntimutinye canke ngo mutekerwe n’ubwoba kubera ayo mahanga+, kuko Yehova Imana yanyu agendana namwe. Ntazobata canke ngo abahebe+.»
7 Musa aca ahamagara Yosuwa, amubwirira imbere y’Abisirayeli bose ati: «Gira umutima rugabo kandi ukomere+, kuko ari wewe uzojana aba bantu mu gihugu Yehova yarahiye ko azoha ba sekuruza babo, uheze ukibahe kibe intoranwa yabo+. 8 Yehova ni we agendera imbere yawe kandi azogumana nawe+. Ntazoguta canke ngo aguhebe. Ntutinye canke ngo uranduke umutima+.»
9 Musa araheza yandika aya mategeko+, ayahereza abaherezi ari bo Balewi, abarerura isandugu y’isezerano rya Yehova, hamwe n’abashingantahe bose bo muri Isirayeli. 10 Musa aca abategeka ati: «Uko haheze imyaka indwi, igihe cashinzwe kigeze, mu mwaka wo guheberanira amadeni+, ku musi mukuru w’insago*+, 11 igihe Abisirayeli bose bazoba baje imbere ya Yehova+ Imana yanyu ahantu azoba yaratoye, muzosomera aya mategeko Abisirayeli bose kugira bayumve+. 12 Muze mukoranye abantu+, abagabo, abagore, abana* na ba kavamahanga baba mu bisagara* vyanyu kugira bumvirize bongere bige ivyerekeye Yehova Imana yanyu, bamutinye kandi bitwararike gukurikiza aya mategeko yose. 13 Maze abana babo batamenye aya mategeko bazoyumviriza+ maze bige gutinya Yehova Imana yanyu imisi yose muzoba mu gihugu mugiye kwigarurira nimwamara kujabuka uruzi Yorodani+.»
14 Yehova aca abwira Musa ati: «Ehe uri mu gupfa+. Nuhamagare Yosuwa, muheze muzanane imbere y’ihema ry’ibonaniro kugira ndamugene abe indongozi+.» Musa na Yosuwa baca baragenda imbere y’ihema ry’ibonaniro. 15 Yehova aca aza kuri iryo hema mu nkingi y’igicu, kandi iyo nkingi y’igicu yari ihagaze ku bwinjiriro bw’iryo hema+.
16 Yehova araheza abwira Musa ati: «Ehe uri mu gupfa* kandi aba bantu bazompemukira batangure gusenga imana* z’amahanga abakikuje mu gihugu bagiyemwo+. Bazompeba+ bongere barenge kw’isezerano nagiraniye na bo+. 17 Ico gihe nzobashavurira cane+, ndabahebe+ kandi ndabahishe mu maso hanje+ gushika batikiye. Maze nibamara gushikirwa n’ivyago vyinshi be n’amaganya menshi+, bazovuga bati: “Ubwo ibi vyago ntibiriko bidushikira kubera ko Imana yacu itari kumwe natwe+?” 18 Ariko n’ico gihe nyene nzobahisha mu maso hanje kubera ibibi vyose bakoze, mu gusenga izindi mana+.
19 Ubu rero nimwiyandikire iyi ndirimbo+, muyigishe Abisirayeli+ bayifate ku mutwe kugira imbere icabona cagiriza Abisirayeli+. 20 Ninamara kubashikana mu gihugu narahiye ba sokuruza babo+, igihugu gitemba amata n’ubuki+, hanyuma bakarya bagahaga kandi bakamererwa neza*+, bazokurikira izindi mana, bazikorere nanje bansuzugure barenge kw’isezerano ryanje+. 21 Nibamara gushikirwa n’ivyago vyinshi n’amaganya menshi+, iyi ndirimbo izoba icabona kibagiriza, (kuko uruvyaro rwabo rudakwiye kuyibagira). Nakare ndamaze kubona agatima bafise+ n’imbere y’uko ndabashikana mu gihugu nabarahiye.»
22 Musa araheza yandika iyo ndirimbo kuri uwo musi, maze ayigisha Abisirayeli.
23 Aca* agena Yosuwa+ mwene Nuni ngo abe indongozi, amubwira ati: «Gira umutima rugabo kandi ukomere+, kuko ari wewe uzojana Abisirayeli mu gihugu nabarahiye+, kandi nzogumana nawe.»
24 Maze Musa akirangiza kwandika ayo mategeko yose mu gitabu+, 25 aca ategeka Abalewi baterura isandugu y’isezerano rya Yehova ati: 26 «Tora iki gitabu c’amategeko+ mugishire iruhande y’isandugu+ y’isezerano rya Yehova Imana yanyu, kandi kizobabera icabona kibagiriza. 27 Ndazi neza ko muri abagarariji+ n’intagondwa*+. Aho mwarinze mugarariza Yehova nkiri kumwe namwe, hari akantu ninamara gupfa! 28 Koraniriza hamwe abashingantahe bose b’imiryango yanyu n’abarongozi banyu, ndababwire aya majambo bayumve, kandi ijuru n’isi ni vyo bizombera icabona kibagiriza+. 29 Ndazi neza ko muzokora ibibi ninamara gupfa+, mugaheba inzira nabategetse kugenderamwo. Ivyago ntibizobura kubazako+ muri kazoza kuko muzoba mwakoze ibibi mu maso ya Yehova kandi mukamubabaza biciye ku bikorwa vyanyu.»
30 Musa aca avuga amajambo y’iyi ndirimbo Abisirayeli bose bumva, kuva ku ntango gushika ku mpera+.
32 «Tega ugutwi wa juru we nanje mvuge,
isi na yo niyumvirize amajambo ava mu kanwa kanje.
2 Inyigisho yanje izotonyanga nk’imvura,
amajambo yanje azotemba nk’urume,
nk’akavura kanyanyaga ku bwatsi,
nk’imvura icuncubukira ku biterwa.
3 Ngira ntangaze izina rya Yehova+.
Nimuvuge ibijanye n’ubukuru bw’Imana yacu+!
Si abana bayo, ikosa ni rwabo+.
Ni urunganwe* ruhetamye kandi rugoramye+!
Mbega si we So wanyu yabahaye ubuzima+?
Si we yabaremye kandi akabagira ihanga rikomeye?
7 Nimwibuke imisi ya kera,
mwiyumvire ivyabaye mu myaka yaheze.
Nimubaze ba so, na bo bazobibabwira+,
mubaze abatama, na bo bazobibamenyesha.
8 Igihe Musumbavyose yaha amahanga intoranwa yayo+,
igihe yatandukanya bene Adamu*+,
yarashingiye imbibe imigwi y’abantu+
afatiye ku gitigiri ca bene Isirayeli+.
11 Nka kurya inkona inyiganza icari cayo,
ikārāra hejuru y’ibiswi vyayo,
igasanza amababa yayo ikabitora,
maze ikabitwara hejuru y’amababa yayo+,
12 ni ko Yehova ubwiwe yagumye amuyobora*+,
kandi nta mana y’inyamahanga yari kumwe na we+.
Yamugaburiye ubuki bwo mu rutare
hamwe n’amavuta avuye mu gitandara c’isare,
14 amavuta y’inka n’amata y’impene n’intama,
hamwe n’intama nzizanziza*,
impfizi z’intama z’i Bashani n’amasuguru y’impene,
hamwe n’ingano nzizanziza+.
Yinywera umuvinyu uvuye mu mutobe* w’inzabibu.
15 Aho Yeshuruni* avyibuhiye, yaciye atera imigere, aragarariza.
(Waravyibushe, uradoha, usigara ungana isi+.)
Yaciye aheba Imana yamuremye+,
asuzugura Igitandara c’ubukiriro bwiwe.
17 Ibimazi vyabo babishikaniye amadayimoni, ntibabishikaniye Imana+,
babishikaniye imana batigeze bamenya,
imana nshasha zadutse vuba,
imana ba sokuruza banyu batigeze bamenya.
Nanje rero nzobatera inzigo nkoresheje ihanga ata co rimaze+,
nzobashavuza nkoresheje ihanga ry’imburabwenge+.
22 Kuko ishavu ryanje ryadometse umuriro+.
Uzokwaka gushika ibwina mu kuzimu+,
uzorigata isi n’umwimbu wayo wose,
uyigize imishinge y’imisozi.
23 Nzokwongereza ivyago vyabo,
nzobamarirako imyampi yanje.
25 Abari hanze bazohekurwa n’inkota+,
abari mu nzu na bo batekerwe n’ubwoba+.
Ukwo ni ko bizomera ku musore n’inkumi,
ku mwana no ku mutama w’imvi+.
26 Mba naravuze nti: ‘Nzobashwiragiza,
nzobazimanganya ntibasubire kwibukwa’,
bakavuga ngo: ‘Inguvu zacu ni zo zatumye dutsinda+,
si Yehova yabikoze.’
29 Iyo baba bafise ubwenge*+, bari kubizirikana+.
Bari kwiyumvira iherezo ryabo+.
Kiretse Igitandara cabo cabagurishije+,
kiretse Yehova yabatanze.
33 Umuvinyu wabo ni ubumara bw’inzoka,
ubumara bw’incira bwica cane.
35 Uguhōra n’uguhana ni ivyanje+.
Igihe nicagera, ukuguru kwabo kuzonyerera+,
kuko umusi w’ivyago vyabo uri hafi,
kandi ibibarindiriye ntibizoteba.”
36 Yehova azocira urubanza abantu biwe+,
kandi azokwumvira impuhwe abasavyi biwe+,
niyabona utuguvu twabo twagabanutse,
hasigaye abatagira gitabara n’abatagira udutege.
37 Azoheza avuge ati: “Za mana zabo ziri hehe+,
ca gitandara barondereramwo ubuhungiro,
38 zimwe zahora zirya ibinure vy’ibimazi vyabo*,
zikanywa umuvinyu w’amashikanwa yabo y’ibinyobwa+?
Nizihaguruke zibatabare.
Nizibabere ubuhungiro.
Ndica nkongera ngakiza+.
41 ninakarisha inkota yanje ica ibibatsi,
ukuboko kwanje kukitegurira gushitsa imanza+,
nzokwihora abansi banje+,
nsubirize mu nkoko abanyanka.
42 Imyampi yanje nzoyiboreza amaraso,
amaraso y’abishwe n’ay’abagizwe imbohe.
Inkota yanje izorya inyama,
izorya imitwe y’indongozi z’abansi.”
43 Nezerwa mwa mahanga hamwe n’abantu biwe+,
kuko azohora amaraso y’abasavyi biwe+,
azokwihora abansi biwe+,
kandi azotyorora* igihugu c’abantu biwe.»
44 Musa aca araza, asubiramwo amajambo yose y’iyo ndirimbo abantu bose bumva+, ari kumwe na Hosheya*+ mwene Nuni. 45 Musa arangije kubwira ayo majambo Abisirayeli bose, 46 ababwira ati: «Nimushire ku mutima amajambo yose yo kubaburira ndababwiye uyu musi+, kugira muze mwigishe abana banyu kwubahiriza ayo mategeko yose+. 47 Ntimwibaze ko ayo majambo ata co amaze kuri mwebwe, kuko ari yo buzima bwanyu+ kandi ni yo azotuma murambira mu gihugu mugiye kwigarurira nimwajabuka uruzi Yorodani.»
48 Kuri uyo musi nyene Yehova abarira Musa ati: 49 «Duga kuri uyu musozi Nebo+, uri mu karere ka Abarimu+ mu gihugu ca Mowabu, aharabana n’i Yeriko maze urabe igihugu ca Kanani ngira mpe Abisirayeli+. 50 Uzoca upfira ng’aho kuri uwo musozi, uhamvye ab’iwanyu* nk’uko Aroni mwenewanyu yapfiriye ku musozi Hori+, agahamvya ab’iwabo. 51 Kuko mwampemukiye imbere y’Abisirayeli kuri ya mazi y’i Meriba+ h’i Kadeshi, mu bugaragwa bwa Zini. Ntimwerekanye ko ndi mweranda imbere y’Abisirayeli+. 52 Uzobona ico gihugu uri kure, ariko ntuzokwinjira muri ico gihugu ngira mpe Abisirayeli+.»
33 Uwu rero ni wo muhezagiro Musa, umuntu w’Imana y’ukuri yahaye Abisirayeli imbere y’uko apfa+. 2 Yavuze ati:
«Yehova yaje ava i Sinayi+,
yabamurikiye ari i Seyiri.
Yakayanganye ari mu misozi y’i Parani+,
kandi yari kumwe n’aberanda ibihumbi n’ibihumbi*+,
ingabo ziwe zari iburyo bwiwe+.
5 Imana yabaye umwami i Yeshuruni*+,
igihe abatware b’abantu bari bakoraniye hamwe+,
bari kumwe n’imiryango yose yo muri Isirayeli+.
7 Uwu ni wo muhezagiro yahaye Yuda+:
«Ewe Yehova, niwumvirize ijwi rya Yuda+,
maze umugarukane mu bantu biwe.
8 Ku bijanye na Lewi, yavuze+ ati:
Mbere na benewabo yarabirengagije+,
yarihakanye abana biwe bwite.
Kuko yagumije ijambo ryawe,
yarubahirije isezerano ryawe+.
11 Ewe Yehova, nuhezagire inkomezi ziwe,
kandi werekane ko ushima igikorwa c’amaboko yiwe.
Nuvunagure amaguru* y’abaza kumutera,
kugira abamwanka ntibasubire guhaguruka.»
12 Ku bijanye na Benyamini, yavuze+ ati:
«Umukundwa wa Yehova niyibereho atekanye iruhande yiwe,
agume amwugamitse umusi wose.
Azokwibera ku mugongo wiwe*.»
13 Ku bijanye na Yozefu, yavuze+ ati:
«Igihugu ciwe kiragahezagirwa na Yehova+,
nakironse ibintu vyizavyiza vyo kw’ijuru,
urume hamwe n’amazi yo hasi mu kuzimu+,
14 ibintu vyizavyiza bikuzwa n’izuba,
ibintu vyizavyiza vyera buri kwezi+,
15 ibintu vyizavyiza biva mu misozi ya kera*+,
ibintu vyizavyiza biva mu mitumba yamaho,
16 ibintu vyizavyiza vyo kw’isi n’ivyuzuye muri yo+,
hamwe n’ugushimwa n’umwe yibera mu gisaka c’amahwa+.
Ese ivyo vyose vyoza ku mutwe wa Yozefu,
hejuru ku mutwe w’uwatowe muri benewabo+.
17 Afise igihagararo nk’ic’ishuri yavutse ubwa mbere,
amahembe yiwe ni amahembe y’ishuri yo mw’ishamba*.
Azoyasunikisha* amahanga yose,
ayasunike gushika ku mpera z’isi.
Ayo mahembe ni ibihumbi mirongo vya Efurayimu+,
ibihumbi vya Manase.»
18 Ku bijanye na Zabuloni, yavuze+ ati:
«Ewe Zabuloni, nezererwa ingendo zawe,
nawe Isakari, nezererwa amahema yawe+.
19 Bazokoraniriza amahanga ku musozi.
Aho ni ho bazoshikanira ibimazi vy’ubugororotsi.
Bazokwirira ubutunzi bwinshi bwo mu biyaga*
hamwe n’itunga rinyegejwe mu musenyi.»
20 Ku bijanye na Gadi, yavuze+ ati:
«Uwagura imbibe za Gadi aragahezagirwa+.
Azobunda nka kurya kw’intambwe
igira itabagure ukuboko kw’ico yafashe, mbere n’umutwe waco.
Abatware b’abantu bazokoranira hamwe.
Azoshitsa ubutungane bwa Yehova
n’ingingo yashingiye Isirayeli.»
22 Ku bijanye na Dani, yavuze+ ati:
«Dani ni icana c’intambwe+.
Azosimba avuye i Bashani+.»
23 Ku bijanye na Nafutali, yavuze+ ati:
«Nafutali ahagijwe n’ugushimwa na Yehova,
kandi yuzuye imihezagiro yiwe.
Niyigarurire uburaruko n’ubumanuko.»
24 Ku bijanye na Asheri na ho yavuze+ ati:
«Imana yarahaye abana benshi Asheri.
Natoneshwe na benewabo,
kandi ahonyoze* ikirenge ciwe mu mavuta.
26 Nta n’umwe ameze nk’Imana y’ukuri+ ya Yeshuruni+,
imwe igendera kw’ijuru kugira igutabare,
ikagendera ku bicu mu cubahiro cayo+.
28 Isirayeli azokwiberaho mu mutekano.
Isôko rya Yakobo rizokwibera mu gitutu,
mu gihugu kirimwo intete n’umuvinyu mushasha+,
igihugu kiri munsi y’ijuru ritonyanga urume+.
34 Musa aca ava mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu, aduga ku musozi Nebo+ kw’isonga rya Pisiga+, aharabana n’i Yeriko+. Yehova araheza amwereka ico gihugu cose, kuva i Gileyadi gushika i Dani+, 2 akarere kose ka Nafutali, akarere ka Efurayimu na Manase, akarere kose ka Yuda gushika ku kiyaga* co mu burengero+. 3 Amwereka kandi Negebu+, akarere ka Yorodani+, ikiyaya c’i Yeriko ari co gisagara c’ibigazi, gushika i Zowari+.
4 Maze Yehova amubwira ati: «Iki ni co gihugu narahiye Aburahamu, Izahaki na Yakobo, nkababwira nti: “Nzogiha uruvyaro* rwanyu+.” Ndakikweretse urakibona n’amaso yawe, ariko ntuzojabuka ngo ucinjiremwo+.»
5 Musa umusavyi wa Yehova araheza apfira ng’aho mu gihugu ca Mowabu, nk’uko Yehova yari yarabivuze+. 6 Aca amuhamba* mu mubande mu gihugu ca Mowabu, aharabana n’i Beti-Peyori, kandi nta n’umwe azi aho imva yiwe iri gushika n’uno musi+. 7 Musa yapfuye afise imyaka 120+. Ico gihe yari akibona neza kandi yari agifise inguvu. 8 Abisirayeli bamara imisi 30 baririra+ Musa mu biyaya vy’ubugaragwa vy’i Mowabu. Hanyuma imisi yo kumuririra no kumugandarira irateba irahera.
9 Yosuwa mwene Nuni yari yuzuye impwemu y’ubukerebutsi, kuko Musa yari yaramurambitseko ibiganza+. Nuko Abisirayeli batangura kumwumvira, bakora ivyo Yehova yari yarategetse Musa+. 10 Muri Isirayeli ntihigeze hasubira kuboneka umuhanuzi ameze nka Musa+, uwo Yehova yari azi neza*+. 11 Yarakoze ibimenyetso n’ibitangaro vyose Yehova yari yamutumye gukorera mu Misiri, abikorera Farawo n’abasuku biwe bose hamwe n’igihugu ciwe cose+, 12 abikorana ukuboko gukomeye n’ububasha buteye ubwoba imbere y’Abisirayeli bose+.
Iryo zina biboneka ko ryerekeza ku runani rw’imisozi ya Libani.
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Canke «mu mubande.»
Mu giheburayo havuga ngo «batumye imitima yacu ishonga.»
Ni ukuvuga impome ndende cane.
Canke «sebibondo.»
Canke «b’uru runganwe.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «Imana yaramukomeje.»
Ni igisagara c’i Mowabu. Gishobora kuba ari umurwa mukuru.
Canke «umubande.»
Canke «iyaruka.»
Hitwa kandi Kirete.
Canke «bagire ububabare nk’ubw’umugore ariko aribaruka.»
Canke «mu mwonga.»
Canke «isandugu.»
Yari intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Intambwe imwe yangana na santimetero 44,5. Raba Inyongera ya B14.
Iryo zina risobanura ngo «ibigwati vy’amahema vya Yayiri.»
Mu giheburayo havuga ngo «ya majambo cumi.»
Canke «intoranwa yiwe.»
Canke «kwiheberwa.»
Canke «ibigeragezo.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Canke «umwonga.»
Citwa kandi ikiyaga c’Umunyu.
Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu y’abashumba.»
Mu giheburayo havuga ngo «unzana mu maso.»
Canke «kubikorera.»
Canke «kwiheberwa.»
Canke «iyaruka.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Mu giheburayo havuga ngo «mu marembo.»
Canke «vyongere bikugendere neza.»
Mu giheburayo havuga ngo «amajambo.»
Canke «inguvu», «ububasha.»
Canke «kuyashimangira», «kuyatsindagira.»
Canke «agatambara batubika.»
Mu giheburayo havuga ngo «nk’ikimenyetso hagati y’amaso yanyu.»
Mu giheburayo havuga ngo «inzu y’abashumba.»
Canke «kwiheberwa.»
Canke «ubucuti bwo gushingirana.»
Canke «gukorera.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «ikintu c’agaciro yigabira.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu y’abashumba.»
Canke «mu bubasha.»
Canke «ikabereka urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «iyaruka.»
Canke «abereke urukundo rudahemuka (rudahera).»
Mu giheburayo havuga ngo «azohezagira icamwa c’inda zanyu.»
Mu giheburayo havuga ngo «muzorotsa.»
Mu giheburayo havuga ngo «amaso yanyu.»
Canke «ibigeragezo.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «bata umutwe», «bacika intege.»
Canke «sebibondo.»
Canke «imyonga.»
Canke «ibinogo birebire vy’amasoko y’amazi.»
Bayita kandi amavuta ya olive.
Canke «ntimuze mureke imitima yanyu yishime.»
Mu giheburayo havuga ngo «inzu y’abashumba.»
Canke «utumina.»
Ni ukuvuga impome ndende cane.
Mu giheburayo havuga ngo «mufise izosi ridadaraye.»
Canke «umusi ishengero ryari rikoranye.»
Canke «icuma bashongesheje.»
Canke «intoranwa yawe.»
Mu giheburayo havuga ngo «ya majambo cumi.»
Canke «umusi ishengero ryari rikoranye.»
Canke «imyonga.»
Canke «ijuru riri hejuru cane.»
Mu giheburayo havuga ngo «ntimuze mwongere kudadaza amazosi yanyu.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Kwari ugukoresha amaguru mu gukanyaga ikintu kiduza amazi canke mu kwimba imifurege y’amazi no mu kuyugurura.
Mu giheburayo havuga ngo «nzoha.» Herekeza ku Mana.
Canke «agatambara batubika.»
Mu giheburayo havuga ngo «hagati y’amaso yanyu.»
Ni ca kiyaga Kinini, ari co Mediterane.
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «habe.»
Canke «ivyo yiyumvira ko bibereye.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu marembo.»
Mu giheburayo havuga ngo «ubuzima.»
Canke «mu nzu y’ubushumba.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «ritangwa ryose.»
Canke «kwumviriza ijwi.»
Canke «mu ruhanga.» Mu giheburayo havuga ngo «ntimuze mwice ubuhanza hagati y’amaso yanyu.»
Canke «ikintu c’agaciro yigabira.»
Ni igikoko co mu bwoko bw’impongo.
Mu gifaransa ni autruche.
Mu giheburayo havuga ngo «mu marembo.»
Canke «habe.»
Canke «muzofata ingwati.»
Mu giheburayo havuga ngo «umutima wawe utagonanwa.»
Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.
Canke «uruhindu.»
Mu giheburayo havuga ngo «ishuri.»
Canke «ukemure.»
Mu giheburayo havuga ngo «amarembo.»
Raba Inyongera ya B15.
Canke «habe.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu marembo.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «inkerebutsi.»
Raba Insiguro y’amajambo (Inkingi nyeranda y’igiti).
Canke «mu muzingo.»
Ni ukuvuga ikibanza nyamukuru Yehova yatoye ngo bamusengeremwo.
Ni umuntu akoresha uburozi mu kugirira nabi abandi canke agatuma badashobora gukora ikintu kanaka.
Mu giheburayo havuga ngo «amaso yanyu.»
Canke «ntahave atuma imitima ya benewabo ishonga nk’uwiwe bwite.»
Canke «igihumeka na kimwe.»
Canke «batarambika ingogo.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).
Canke «mu mubande.»
Mu giheburayo havuga ngo «abagore babiri, akaba akunda umwe, akanka uwundi.»
Canke «bigatuma inzu yawe yagirwa n’amaraso.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ntuze utere imbuto z’ubwoko bubiri mu murima wawe w’imizabibu.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «akamwirukana.»
Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.
Canke «gukorera ubumaraya.»
Mu giheburayo havuga ngo «yoba akuye agashambara se wiwe.»
Canke «iyaruka.»
Canke «kibi.»
Mu giheburayo havuga ngo «umumaraya wo ku rusengero.» Raba Insiguro y’amajambo (Umumaraya).
Canke «impembo.»
Mu giheburayo havuga ngo «imbwa.» Abagabo bakora ubumaraya ku nsengero za kera babita imbwa.
Canke «niyamwirukana.»
Canke «ubuzima bwiwe.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Mu giheburayo havuga ngo «mu marembo.»
Imyelayo bayita kandi olive.
Raba Insiguro y’amajambo (Gucura).
Canke «isandari.»
Mu giheburayo havuga ngo «izina ryiwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «amaso yanyu.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu yawe efa na efa.» Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo havuga ngo «umuntu atagororotse.»
Canke «ku mushuzo.»
Canke «habe.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ari ku mpfiro.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu marembo.»
Canke «ikintu c’agaciro yigabira.»
Canke «igishusho mu cuma bashongesheje.»
Canke «uwuhingura ibintu mu biti canke mu vyuma.»
Canke «nibibe gutyo nyene.»
Mu giheburayo havuga ngo «aba akuye agashambara se wiwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «icamwa c’inda zanyu.»
Mu giheburayo havuga ngo «muzohezagirwa igihe mwinjiye, muhezagirwe n’igihe musohotse.»
Mu giheburayo havuga ngo «icamwa c’inda zanyu.»
Mu giheburayo havuga ngo «muzovumwa igihe mwinjiye, muvumwe n’igihe musohotse.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «ku rutwariro.»
Canke «impongwa.»
Imyelayo bayita kandi olive.
Canke «ingogo y’icuma.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).
Mu giheburayo havuga ngo «mu marembo.»
Mu giheburayo havuga ngo «icamwa c’inda zanyu.»
Canke «mu meri.» Imeri ni ubwato bunini.
Canke «ibigeragezo.»
Canke «isandari.»
Ijambo ry’igiheburayo ryakoreshejwe ng’aha, rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ryerekana akagaye, risobanura «umwanda mukuru.»
Canke «ibamba.»
Mu giheburayo havuga ngo «yonona ikivomerewe neza n’icumye.»
Ni ibintu bimeze nk’ifu vyaka cane. Mu gifaransa bavyita soufre.
Mu giheburayo havuga ngo «gusohoka no kwinjira.»
Raba Insiguro y’amajambo.
Mu giheburayo havuga ngo «abana batoyi.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu marembo.»
Mu giheburayo havuga ngo «ugira uryame hamwe na ba sokuru bawe.»
Canke «aba bantu bazokora ubumaraya.» Raba Insiguro y’amajambo (Umumaraya).
Mu giheburayo havuga ngo «bakavyibuha.»
Biboneka ko ari Imana
Mu giheburayo havuga ngo «mufise izosi ridadaraye.»
Canke «iyaruka.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «umuryango w’abantu.»
Hariko havugwa Yakobo.
Mu giheburayo havuga ngo «ibinure vy’intama.»
Mu giheburayo havuga ngo «amaraso.»
Iryo zina risobanura ngo «umugororotsi.» Ni izina ry’icubahiro rya Isirayeli.
Canke «iyaruka.»
Canke «baranteye ishari.»
Canke «ivyikwega mu mukungugu.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ritumva impanuro.»
Canke «ubukerebutsi.»
Canke «imikobeko.»
Canke «imisoko y’inzabibu.»
Canke «zirya ibimazi vyabo vyizavyiza.»
Canke «azotangira impongano.» Raba Insiguro y’amajambo (Impongano).
Ni izina Yosuwa yari afise ubwa mbere. Hosheya rivuye mw’izina Hoshaya. Risobanura ngo «uwarokowe na Yehova», «Yehova yararokoye.»
Iyo ni imvugo bakoresha bashaka kuvuga urupfu.
Canke «aberanda ibihumbi mirongo.»
Iryo zina risobanura ngo «umugororotsi.» Ni izina ry’icubahiro rya Isirayeli.
Canke «yaraburaniye.»
Herekeza ku Mana.
Mu giheburayo havuga ngo «imibavu y’akamoto karuhura.»
Canke «ritangwa ryose.»
Canke «amafyinga.»
Mu giheburayo havuga ngo «hagati y’ibitugu vyiwe.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «imisozi yo mu buseruko.»
Gishobora kuba cari igikoko kigomba kumera nk’imbogo. Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «azoyasekesha.»
Mu giheburayo havuga ngo «bazokwonka ibibogaboga mu biyaga.»
Canke «yoze.»
Mu giheburayo havuga ngo «kandi inkomezi zawe zizongana n’imisi yawe.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «uzogendera ku misozi yabo.»
Ni ca kiyaga Kinini, ari co Mediterane.
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Bishoboka ko ari Imana yamuhamvye.
Mu giheburayo havuga ngo «yari azi amaso mu yandi.»